diff --git "a/data/run/test.tsv" "b/data/run/test.tsv" new file mode 100644--- /dev/null +++ "b/data/run/test.tsv" @@ -0,0 +1,323 @@ +category headline text url +business Ukraine - Africa: BAD irarondera umuriyaridi w'amadorari mu guhangana n'igabanuka ry'ibifungurwa "Ibanki nyafrika ijejwe iterambere (BAD/AfDB) yiteguriye kwegeranya umuriyaridi w'amadorari mu kiringo c'indwi imwe yo gushigikira igisata c'uburimyi muri Afrika no gukingira uwo mugabane igabanuka ry'ibifungurwa rivuye ku ntambara Uburusiya bwateye muri Ukraine. Ibihugu vya Somalia, Benin, Misri na Sudani ni vyo bihugu biza kw'isonga bihanze amaso cane Uburusiya na Ukriane, ku bice birenga 70 kw'ijana vy'ingano ziva muri ivyo bihugu bibiri. Umukuru wa BAD Akinwumi Adesina agira ati: ""BAD irabona iduga ry'ibiciro vy'ingano, ibigori n'isoya rishobora gutuma haduka ikibazo c'ibifungurwa n'igabanuka ry'ubutunzi."" Iyo banki itanga amadeni ivuga ko igiye kugirisha inama abashikiranganji bajejwe uburimyi n'ubutunzi muri Afrika kugira bigire hamwe uwo mugambi. Biciye kuri ico kigega, BAD ifise intumbero yo kwongereza umwimbu w'ingano, umuceri n'isoya hakoreshejwe ubuhinga burinda ihindagurika ry'ibihe, harimwo kurima imbuto zirinda ubushuhe n'izuba. Imbuto y'ingano irinda uruzuba iza iriko irageragezwa muri Sudani na Ethiopia. Ufatiye ku bivugwa n'ikigo ca UNCTAD (United Nations on Trade and Development), n'imiburiburi ibihugu 25 vya Afrika bikura hanze ica gatatu c'ingano mu Burusiya na Ukraine. Mbere ibihugu 15 muri ivyo bivana ibirenga ica abiri c'ingano bikenera muri ivyo bihugu vya Ukraine n'Uburusiya." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60795839 +business Abikorera ibyabo mu Rwanda bari mu rugo kubera Covid-19 ngo kubaho bigiye kubananira Ingingo yo kubuza abantu kuva muhira yafashwe na leta y'u Rwanda nk'uburyo bwo kurwanya ikiza ca coronavirus ngo igiye guteza ibibazo vyo kubaho ku bikorera ivyabo. Bamwe mu banyagihugu bo mu Rwanda, cane cane bari batunzwe n'imyuga yo kwisumamwo ku munsi ku munsi, bavuga ko ingaruka zo kudashobora gucaruka zitanguye kubagerako. Akarorero ni Alain Mataki, umugabo atunze umuryango, asanzwe akora umwuga wo gusukura imishatsi i Remera mu muji wa Kigali. Yabwiye Florentine Kwizera ko n'aho akigerageza kwirwanako, abona ko bishobora kumugora hamwe atoshobora gusubira ku murimo inyuma y'iyi ndwi. Avuga ko impamvu ari uko amikoro yabona muri uwo mwuga ari ayamutunga buri munsi. Ushobora kwumva ico kiganiro aho hejuru. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52098510 +business Burundi: Ibiciro vy'igitoro no kwiyunguruza 'biraduga ariko igitoro ntitukibona' "Amafaranga y'itike yo kwiyunguruzako mu gisagara ca Bujumbura mu buryo rusangi bwa bisi yaraye adugijwe, n'inyuma y'iduzwa ry'igiciro c'igitoro, ariko ubukene bwaco burabandanya. Kuva kuri uyu wagatatu, kwiyunguruza muri bisi hagati mu gisagara ca Bujumbura bisaba amafaranga 550, naho hagati y'inkengera no mu gisagara ni kuva ku 600 gushika ku 1.000 Fbu, nk'uko itangazo ry'ubushikiranganji bw'ubudandaji n'ugutwara abantu n'ibintu ribivuga. Gushika bihinduke itike ryo kwiyunguruza muri bisi mu gisagara ca Bujumbura ryari ku mafaranga 450 n'ubwo abanguruza abantu bari basanzwe baramaze kwiduguriza kuva igiciro c'ibitoro kiduze mu mpera z'ukwezi kwa kane. Bubaye ubugira kabiri ico giciro kiduga kuva mu kwezi kwa mbere. Kigenda kirakurikirana n'iduga ry'igiciro c'igitoro naco kimaze kuduga kabiri kuva mu kwezi kwa mbere ku rugero rwa hafi 30% muri rusangi. Ingaruka z'intambara muri Ukraine n'ikiza ca Covid biri mu bitangwa nk'imvo ry'iryo kena n'iryo duzwa. Niko vyasiguwe n'umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu umusi yatangaza ibiciro bishasha vy'ibitoro ku wa 28 ukwezi kwa kane guheze. Ubuheruka mu mpera z'ukwezi kwa kane guheze, igiciro c'igitoro cavuye ku mafaranga 2.700 kija ku 3.250 kuri essense, na 2.650 kuja ku 3.450 Fbu kuri mazutu. Gusa n'aho ivyo biciro biduga, mu gihugu na cane cane ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura, habandanya kwibonekeza ubukene bw'ibitoro. Umwe mu banyonga taxi y'imodoka mu gisagara ca Bujumbura yiriwe atondeye igitoro ku wa ku wa kabiri ati: ""Barakidugije ariko ntakihari… erega ibi bintu tubibamazemwo amezi"". N'ibiciro vyo kwiyunguruza hagati y'uturere dutandukanye mu gihugu navyo vyaradugijwe. Urugendo rwa Bujumbura-Cankuzo mu buseruko bw'Uburundi nirwo rusaba menshi kurusha izindi, itike ni 16.000 Fbu. Kuva umwaka utangura, igitoro cagumye kiboneka nabi mu Burundi na cane cane ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura, ingaruka zikaba zibonekeza cane mu kwunguruza abantu n'Ibintu. ""Ni ukuri ubu abantu baranze kumenyera kugenda n'amaguru... kuko gutondera bisi n'uguta umwanya"" nk'uko bivugwa n'umwe mu baba aho muri ico gisagara. ""Bisi nazo zirirwa ku mirongo zitondeye igitoro"". Ku mbuga hwaniro, abantu bererekana mu buryo butandukanye ingaruka z'ubukene bw'ama bisi, n'iduga ry'ibiciro vyo kwiyunguruza. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga Umwe mu bagize ico bavuga kuri ivyo ati: ""Mubayeho neza Nani!!umukate muracagura?ration ya 10.000?muri muba mbere peee!!"" Intambara Uburusiya bwateye muri Ukraine ikomeje kugira ingaruka kw'isi yose na cane cane mw'iduga ry'ibiciro vya gaze n'ibitoro. Uburusiya buza ubwa mbere kw'isi mu kwimbura no gushora gaze. Mu Burundi izo ngaruka zahuriranye n'ingingo yo kubuza taxi-velo, taxi-moto na tuk-tuk gushika mu bice vyo hagati mu gisagara ca Bujumbura. Benshi bavuga ko vyatumye ibintu vyunyuka kuko bwari uburyo bunyaruka kandi busaba amafaranga make n'ibitoro bike ugereranije na bisi. Ingingo yo kugabanya akarere k'igisagara izo ngendeshwa zikoreramwo mu gisagara ca Bujumbura yatanguye kuja mu ngiro mu kwezi kwa gatatu. Reta isigura ko ivyo vyuma vyatera amasanganya menshi. Mu gihe ibiciro ku miduga yunguruza abantu mu buryo rusangi bishingwa n'ubushikiranganii bw'ududandaji n'gutwara abantu n'ibintu, abatwara abantu mu buryo bwa taxi bo nta giciro-fatiro bafise, umwe umwe wese yiyumvikanira n'umukiriya. Umwe mu bagendesha taxi aho mu gisagara ca Bujumbura ati ""urugendo rwa nyuma rugufi muri taxi sindagutwara utampaye ibihumbi bine"". Aho mu mezi make aheze avuga ko hagendwa ku bihumbi bitatu canke bidashika. Mu buryo bwo gutwenza ariko bwerekana ingene ibintu vyifashe, umwe mu baba mu gisagara ca Bujummbura ati: ""Hasigaye hari embouteillage [urutavanako] y'abagenda n'amaguru.""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61323295 +business Perezida Nkurunziza avuga ko u Burundi bugiye gutangura kwimba Coltan kuva 2020 "Umukuru w'igihugu c'u Burundi Petero Nkurunziza amenyesha ko ubutare bwa Coltan n'ubutare buyiherekeza bwo muri Komine Marangara mu ntara ya Ngozi buzotangura kwimbwa mu mwaka uza wa 2020. Mw'ijambo yashikirije Abarundi abipfuriza umwaka mwiza w'2020, Perezida Nkurunziza avuga ko igisata c'ubutare n'agataka cateye intambwe ishimishije cane, mu kwinjiza amahera y'amadolari y'Abanyamerika atari make. Mu Burundi haravugwa ubutare bw'ubwoko butandukanye, ariko iyimbwa ryabwo riracari ku girero turo cane. Muri iryo jambo, Perezida Nkurunziza avuga ko mu mwaka wa 2019, umwimbu wo mu gisata c'ubutare n'agataka wiyongereye ku bice 32 kw'ijana. Ati: ""… mu gihe ico gisata cari cinjije amadorari y'Abanyamerika yababa imiriyoni 59 mu mwaka w'2018, mu mwaka w'2019 cinjije amadorari y'Abanyamerika yababa imiriyoni 78"". Avuga ko hari ibikorwa bibandanya vyo kumenya urugero rw'ubutare bubarizwa kuri Waga, Nyabikere na Mukanda bizosozerwa mu mwaka wa 2020. Muri ubwo burere bwa Nyabikere mu ntara ya Karusi, Waga mu ntara ya Gitega, haravugwamwo ubutare bwa Nickel, bwiyongera kubwo muri Musongati mu ntara ya Rutana, nayo mu karere ka Mukanda mu ntara ya Gitega hakaba harangwamwo ubutare bwa Vanadium. Igisata c'ubutare kiri mu bisata leta ihagazeko kugira ngo ishobore kurangura Integuro y'umugambi w iterambere ry'igihugu (Plan National de Développement du Burundi , PNDB) mukiringo ca 2018-2027. Mu mwaka wa 2017, niho ikompanyi Rainbow Rare Earths yatangura kwimba Amabuye y'utubuyenge (Terres Rares) i Gakara muri komine Mutambu avugwa ko ariyo ya mbere yimbwe ku mugabane wa Afrika. Mu bice bitari bike vy'igihugu haravugwa ubwoko butari buke bw'ubutare nk'inzahabu, Nickel, coltan, cassiterite, tungstène, tantale n'ubundi. N'aho ibikorwa vyo kubwimba bikiri ku rugero ruto, ico gisata c'ubutare kiri mu bisata vyinjiriza amafaranga mvamahanga gusumba mbere igisata c'ikawa n'icayi cari kimenyerewe, nk'uko umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ubutare n'agataka aherutse kubibwira itororokanirizo ry'amakuru Reuters." https://www.bbc.com/gahuza/50957437 +business Ibihugu bikenye vya Afrika 'biriha incuro zirenga 30 ku giciro' c’imiti "Umuhinga mu vy'amagara y'abantu yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ko ibihugu vya Afrika kuva ku bikenye gushika ku biri hagati na hagati mu vy'ubutunzi biriha incuro zirenze kure cane imiti ataco imaze. Mu bihugu nka Zambiya, Sénégal, na Tuniziya, imiti ikunze kugurwa nka paracetamol ishobora kugurwa ku giciro kirenga incuro 30 ku giciro co mu bihugu vy'Ubwongereza na Amerika. Kalipso Chalkidou wo mu kigo citaho iterambere kw'isi (Centre for Global Development), avuga ko bisa n'uko amasoko y'imiti ""atayabaho"". Umupfasoni Chalkidou ajejwe imigambi mu vy'amagara y'abantu kw'isi muri iryo shirahamwe, yarafashije mu gutegura icegeranyo ku vyerekeye ingene imiti isanzwe igurishwa, cavuze ko ibihugu bikenye n'ibiri hagati na hagati mu vy'ubutunzi, bigura imiti mike, bigatuma ata higanwa, amategeko canke imiti myiza bihaba. Ico cegeranyo kivuga ko ibihugu bitunze bifise ubushobozi bwo kugura imiti ku giciro gitoya kubera amahera y'igihugu n'amategeko agenga igurishwa ry'imiti. Hagati aho, ibihugu bikenye bishaka kugura imiti izimvye cane, hakugura imiti izimbutse igize ibice 85 kw'ijana vy'imiti igurishwa mu Bwongereza no muri Amerika. Ibihugu bikenye cane rwose, vyovyo nta ngorane bigira kuko abagiraneza babigurira imiti nk'imfashanyo, bikavuga ko imiti yavyo iri kw'isoko iguma ku giciro gito. Ibihugu bifise amikoro make canke biri hagati na hagati ""bifise ubushobozi buke bw'uguharira ku giciro n'imiti ngirakamaro"", kandi ugasanga barondera kurenzako, akenshi kubera amakori n'ibiturire. Avuga ko kubera ata mategeko ruhasha ariho, bituma imiti myiza idahuta kuboneka. Umupfasoni Chalkidou asigura ati: ""Ata mategeko, abantu bapfa kugura imiti bibaza ngo irakora naho idakora"". Ico cegeranyo gisaba ko hoba ugukorana gukomeye ku rwego rw'isi, integurp y'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, nayo igasubirwamwo, co kimwe n'integuro z'ibihugu bimwe bimwe, kugira ngo ibijanye n'igurishwa ry'imiti bikorwe neza." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48688836 +business Kenya yahagaritse ibikorwa vy'utubare kubera coronavirus yabaye ndanse "Umukuru w'igihugu ca Kenya ahejeje kwongereza ikiringo co kudatembera mu masaha y'ijoro mu kindi kiringo c'iminsi 30 mu gihugu cose kubera ibitigiri vy'abandura umugera wa coronavirus bibandanya vyiyongera cane mu gihugu. Mw'ijambo yashikirije inyuma y'umubonano na ba buramatari b'intara, Perezida Uhuru Kenyatta yatangaje ingingo yo kwugara amazu y'ubunywero mu kiringo kitazwi guhera uyu munsi ku wa mbere isaha zitandatu z'ijoro. Yatangaje kandi ko kizira kikaziririzwa kudandaza inzoga mu mazu y'uburiro. Yavuze ko uwuzofatwa ariko aracuruza inzoga aho ariho hose bazoca bamwaka burundu uburenganzira bwo gusubira gucuruza. Hari haciye iminsi 21 leta itangaje ingingo zo gutezura, ariko ikaba yari yagabishije ko itazohigitanya gusubira gufata ingingo ruhasha mu gihe ibintu vyobandanya biba nabi. Perezida Kenyatta avuga ko atewe impungenge n'ingene uwo mugera ugenda wiyongera ku rugero ruteye ubwoba mu rwaruka avuga ko ""inyifato yabo y'urwangara iriko irata igihugu mu kaga"". Asaba abanyagihugu bose ba Kenya kwitaho amagara yabo bakifatira ingingo yo gukingira ubuzima bwabo bo nyene ubwabo kuko ""leta idashobora gukwiza abapolisi ahantu hose"". Ati: ""Igihe kirageze kugira ngo buri wese arabe igisumba ikindi, nk'abavyeyi, nka benewacu na bashiki bacu, buri muntu akibaza ico ajejwe ku bamukikije n'abo ajejwe. Ntidushobora kuronka umupolisi ku muhana umwe umwe wose. ""Abakenya 280 baramaze kuhasiga ubuzima kandi n'abandi baracapfa. Ikibazo ni ukumenya gusa nimba ivyo biharuro hazogera igihe bikagabanuka canke nimba tugiye guhura n'ibiza. Ikigaragara ni uko turi mu ntambara n'umwansi ataboneka kandi ruburakigongwe"". ""Nimba umuntu yinjiye mw'iduka ryawe, nawe ukaba ufise ivyo udandaza aje kurondera, mu gihe adafise agapfukamunwa, mutegeke akambare!"" Abamaze kwandura ico kiza karanda ca Covid-19 mu gihugu cose barenga 17.000, igitigiri kibandanya ciyongera umunsi ku munsi. Muri iyi minsi ibiri ikurikirana, habonetse ibitigiri binini vy'abanduye uwo mugera. Ejo ku wa Mungu, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri ico gihugu bwatangaje ko abashika 960 ari bo banduye mu bantu 8,261 bapimwe mu kiringo c'amasaha 24 gusa. Kuri uyu wa mbere naho, ubwo bushikiranganji bwatangaje abashika 892 banduye mu bantu 8261 bapimwe mu kiringo c'amasaha 24." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53556399 +business Nord Stream 1: Russia yugaye umuringoti munini ujana gaz i Buraya Uburusiya bwahagaritse rwose kurungika gaz i Buraya  iciye mu muringoti munini, buvuga ko ukeneye gusanurwa. Kompanyi rutura y’Uburusiya ishinzwe amasoko ntanganguvu, Gazprom, yavuze ko guhagarika kurungika gaz iciye mu muringoti  Nord Stream 1  bizomara iminsi itatu. Uburusiya bwari busanzwe bumaze kugabanya cane gaz burungika i Buraya iciye muri uwo muringoti. Ariko burahakana ivyo bwagirizwa ko buriko burakoresha gaz busanzwe bugurisha nk’inzira yo guhana ibihugu vya Buraya kubera ibihano  vyabufatiye kuva aho butereye Ukraine. Umuringoti Nord Stream 1 ureha na 1.200km ugaca munsi y’ikiyaga ca Baltic kuva ku nkengera z’Uburusiya hafi ya St Petersburg gushika mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubudagi. Wuguruwe mu 2011, kandi ushobora kurungika metero kibe (m3 ) miriyoni 17 za gaz ku munsi kuva mu Burusiya gushika mu Budagi. Uwo muringoti wari wugawe mu kiringo c’iminsi 10 mu kwezi kwa Mukakaro (70)- naho nyene kubera ibikorwa vyo kuwusanura- muri iyi minsi wari wasubiye gukora kuri 20% y’ubushibozi bwawo  ku mvo Uburusiya buvuga ko ari ivyuma bidakora neza. Umukuru  w’urwego rugenzura uruhererkane [rw’inguvu]  mu Budagi yavuze ko igihugu  kizoshobora kuvyifatamwo neza- hamwe Uburusiya bwoca busubira kurungika iyo gaz mu minsi iza. Klaus Mueller yabwiye Reuters ati: “Ndazi ko tuzoshobora kuvyitwaramwo. “Nizeye ko Uburusiya buzosubira kurungika 20% ku wa gatandatu, ariko nta n’umwe yoshobora kuvyemeza.” Abategetsi ba Buraya bafise ubwoba ko Uburusiya bushobora kwongereza igihe co kutarungika gaz mu kugerageza gutuma ibiciro vya gaz biduga, mu gihe bisanzwe vyaraduze cane muri uyu mwaka uheze. Iryo duga rikabije rishobora gutuma ubuzima buzimba cane mu gihe c’imbeho nyinshi (hiver), ama reta aakaba yoca ategerezwa gusohora za miriyaridi z’amafaranga kugira  zunganire abanyagihugu. Ku wa kabiri, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe kwijukira ayandi masoko ntanganguvu, Agnes Pannier-Runacher, yagirije Uburusiya “gukoresha gaz nk’ikigwanisho co mu ntambara”. Yavuze inyuma y’aho Gazprom ivugiye ko izohagarika kurungikira gaz kompanyi y’Ubufaransa Engie. Ariko umuvugizi wa prezida w’Uburusiya Vladmir Putin yiyamirije ivyo bagirizwa – ashimangira ko ibihano vy’ibihugu vya Buraya  arivyo vyateye izo ngorane mu gutuma ibikorwa remezo vy’Uburusiya vyononekera. Yashimitse avuga ko “ingirane z’ubuhinga” zatewe n’ibihano nico kintu conyene zibuza Uburusiya kurungika gaz iciye muri uwo muringoti, ariko ntasobanura izo ngorane izo arizo. Kimwe mu vyateye impari cane ni turbine yashitse mu Budagi ivuye gusanurwa muri Canada ariko Uburusiya buranka gusubira kuyakira, buvuga ko nayo yafashwe n’ibihano vy’abanyaburaya. Ubudagi ariko ivyo Ubudagi burabihakana. Muri uku kwezi, umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe rya Buraya, Ursula von der Leyen, yemeye kugira uruhara mu masoko ntanganguvu, avugira mu kiganiro muri Slovenia ko amasoko ahasanzwe atagihuye n’ivyo bakeneye. Yavuze ati : “ Dukeneye isoko ry’umuyagankuba ritunganijwe ukundi rikora vy’ukuri kandi rituma dusubira kuja hagati na hagati”. Imbere y’intambara, Ubudagi bwari bwemeje miriyaridi 10 z’ama euro zo kwubka umuringoti Nord Stream 2, ugenda ubangabanganwa  n’uwo vyitiranwa- ariko buca buhagarika ibikorwa inyuma y’aho Uburusiya burungikiye ingabo muri Ukraine mu kwezi kwa Ruhuhuma(2). Ku ndwi iheze, BBC yerekanye ko Uburusiya bwariko buraturira gaz igereranywa ku gaciro ka miriyaridi 10 z’ama dorari  mu ruganda ruri hafi y’urubiba na Finlande. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c84yvkx348vo +business Afganistan: Abasirikare benshi bari banditswe bagahembawa batabaho - Uwahora ari umutegetsi "Uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta muri Afghanistan avuga ugutembagara kwa reta kwatewe n'abategetsi bamunzwe n'igiturire gushika aho bandika ""abasirikare batabaho"" kandi bagahembwa n'aba-Taliban. Khalid Payenda yabwiye BBC ko benshi mu basirikare 300.000 bari banditswe mu bitabo vya reta batabaho. Yavuze ko abakozi batabaho bongerwa ku rutonde ruzwi kugira aba jenerari bahembwe imishahara yari ibagenewe. Aba-Taliban baranyarukije cane gufata Afghanistan muri Myandagaro/Kanama (ukwezi kw'umunani), ubwo ingabo za Amerika zava muri ico gihugu inyuma y'imyaka 20 zari zihamaze. Payenda, yatanze imihoho (yeguye) hanyuma akava muri Afghanistan igihe aba-Taliban bari ku murindi mununi wo kwigarurira igihugu, yavuze ko inyandiko zerekana ko ingabo za reta zarusha igitigiri iz'aba-Taliban ahanini zitari zo namba. Yabwiye Ed Butler wa BBC ati: ""Ingene ibiharuro vy'amafaranga vyakorwa, warabaza umutegetsi muri iyo ntara abantu afise ingene bangana hanyuma ufatiye kuri ivyo ugaharura imishahara n'amafaranga y'ivyo kurya kandi igihe cose ibitigiri vyagirwa binini cane"". Uwo yahoze ari umushikiranganji avuga ko ibitigiri bishobora kuba vyaragwijwe (byarakubweho) incuro zirenga zitandatu, kandi haba harimwo ""abatorotse n'abapfuye batigera bavanwa ku ntonde kuko bamwe mu bategetsi ba gisirikare bagumya amakarata yabo ya banki"" hanyuma bagafata imishasha yabo. Kuva kera hagumye ibibazo ku bitgiri vy'ingabo za Afghanistan. Mu cegeranyo co 2016, umugenduzi mukuru adasanzwe wa Amerika ku mugambi wo gusanura Afghanistan (Special Inspector General for Afghanistan Reconstruction, Sigar) yavuze ko ""yaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika canke Afghanistan nta n'umwe azi uko igitigiri c'abasirikare n'abaporisi ba Afghanistan kingana, ingene abari ku kazi bangana, canke, ufatiye ngaho, ubushobozi bwabo bwo kuja ku rugamba"". Mu cegeranyo ca vuba kurusha, Sigar yashikirije amakenga ""akomeye kw'ibungwe riterwa n'ingaruka z'igiturire … n'amakenga ku bitigiri nyavyo vy'izo ngabo"". Payenda yavuze ko n'abasirikare bahari vy'ukuri batahembwa ku gihe, mu gihe hari aba jenerari ""batambikiza"" - bagafata amafaranga bahembwa na reta, hanyuma bagahabwa amafaranga n'aba-Taliban kugira bahebe urugamba batarwanye. Avuga ati: ""Abantu bumva ko ibintu bidashobora guhinduka. Uko niko inama nshingamateka ikora, uko niko reta ikora. Abantu bose bavuga ngo ivyo bihera ku nzego zo hejuru, bisigura ko n'abategetsi bakuru bari babifisemwo uruhara"". Avuga ko atibaza ko prezida Ashraf Ghani nawe ""yari muri ivyo biturire vy'amafaranga"". Avuga ku vyavugwa ko no mu bushikiranganji bw'ikigega ca reta naho hariyo ibiturire, Payenda yavuze ati: ""Ndavyemera hamwe hamwe, ariko kuri co kibazo, nta na gato."" Avuga ko ibihugu vy'i Buraya vyagize ''uruhara"" muri bimwe mu vyagenze nabi muri Afghanistan, avuga ko igikorwa c'ingabo za Amerika na OTAN muri ico gihugu yabaye ""amahirwe akomeye yatakaye""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59235101 +business Tanzania igiye gusaba ideni kugira itereni ishike mu Burundi, Rwanda na Congo Reta ya Tanzania igiye kurondera ideni ry'amafaranga yo guheraheza ibarabara ry'indarayi (ry'itereni canke gariyamoshi) riva ku mugwa mukuru w'ubutunzi w'ico gihugu, Dar es Salaam, rikazogihuguza n'ibihugu bibanyi vy'Uburundi, Urwanda na Repuburika ya Demokrasi ya Congo. Prezida wa Tanzania Samia Suluhu avuga ko hakenewe ayarenga miriyoni zitandatu z'amadorari y'abanyamerika (arenga miriyaridi 1200 mu mafaranga y'amarundi) kugira harangizwe igice c'iryo barabara ry'ibirometero 2.561 kizorishikana ku bihugu bibanyi. Ayo mafaranga ngo agiye kuguranwa mu basanzwe bafashanya na Tanzania mw'iterambere. Prezida Samia yabivuze ku wa kabiri mu birori vyo gushira umukono ku masezerano hagati ya Tanzania Railway Corporation (TRC) na Yapi Merkez yo muri Turkia aho bumvikanye kwubaka 368km kuva Makutupora (akarere ka district Manyoni mu ntara ya Singida) gushika Tabora ku mafaranga angana na miriyaridi 1,908 z'amadorari. Umukuru wa Tanzania yavuze ko hadafashwe ideni umugambi ataco uzoba umaze kuko utazoba washikiriye amasoko wari ufitiye intego. Ku bw'umukuru w'igihugu ca Tanzania, iryo barabara ririko rirubakwa mu bice bitatu: Ico gice nyamukuru kingana na 1063km. Igisigaye ca 1342km kizoshikana iryo barabara mu Burundi, mu Rwanda no muri Congo gikeneye ingurane kugira cubakwe. Ariko umukuru w'inama nshingamateka ya Tanzania, Job Ndugai, yaneguye amadeni igihugu giherutse gufata ku bihugu canke amashirahamwe asanzwe afashanya n'iki gihugu mw'iterambere na cane avuga iriherutse gufatwa mu kigega mpuzamakungu FMI/IMF ringana na miriyoni 567,2 z'amadorari. Yanavuze ko muri kazoza igihugu kizohava gikubitwa camunara kubera umwenda waco uguma uduga ukunyurwa no gufata amadeni menshi. Ivyo umukuru w'inama nshingamateka ya Tanzania yabivuze aravye amafaranga reta y'igihugu ciwe isohora mu kwishura amadeni, ayo akaba ari hafi tririyoni 10 z'amadorari (canke miriyaridi 10.000) buri mwaka. Ahimiriza reta kwegeranya amafaranga menshi biciye mu makori, hanyuma amadeni abe ayo gushira mu migambi y'iterambere. Ku butegetsi bwa prezida Samia, Tanzania imaze kuronka ingurane zitavuna cane za miriyaridi z'amadorari, zimwe zikaba ata nyungu zizotangwako. https://www.bbc.com/gahuza/59813274 +business Glencore yaciriwe ayarenga miriyoni $300 ku biturire yatanze muri Africa Ishami ryo mu Bwongereza rya kompanyi y’igihangange mu bitoro no kwimba ubutare canke amabuye y’agaciro, Glencore, ryategetswe kuriha  miriyoni zirenga amajana atatu z’ama dorari (miriyaridi zirenga 600 mu mafaranga y’Uburundi) kubera amafaranga ryapfumbatishije abategetsi bo muri Afrika kugira rironke ibitoro. Iyo kompnayi yahaye miriyoni 26 z’ama dorari, ibicishije ku bantu ituma n’abakozi bayo, abategetsi bo mu bigo vy’ibitoro bitayunguruye muri Nigeria, Cameroun, na Cote d’Ivoire hagati ya 2011 na 2016. Abashikirizamanza bavuze ko abakozi ba Glencore Energy UK  n’abandi bantu yatuma bakoresheje indege z’abantu ku giti cabo (jet prives) kugira bajane ayo mafaranga yo gutanga ibiturire. Glencore Energy UK mu kwezi kwa Ruheshi (kwa gatandatu) yemeye ivyaha indwi vy’ibiturire. Yeciriwe kuriha ihadabu rya miriyoni zirenga 205 z’ama dorari n’umucamanza Peter Fraser wo muri sentare ya Crown Court ya Southwark, uwo mucamanza yongera yemeza ko Glencore inyagwa izindi zishika hafi 105 z’ama dorari nyene. Hamwe n’ivyo vyaha vyo gupfumbatisha, iyo kompanyi yemeye ivyaha yagirizwa vyo  kutabuza abakozi bayo gukoresha ipfumbatsisha (bribery) kugira baronke amasezerano (contrats) y’ibitoro muri Guinee Equatoriale na Sudan y’Epfo. Glencore, yashinzwe mu 1974, n’imwe mu ma kompanyi akomeye cane kw’isi mu bicuruzwa kama (comodity trader) hamwe no mu kwimba ibitoro, ubutare n’amabuye y’agaciro. Amashami yayo akorera mu bihugu birenga 35, ariko ibiro vya Glencore i Londres bikorera cane cane mu bitoro, igisata cayo kimwe kikaba kijejwe Afrika y’uburengero. Ivyo  birego vyo gupfumbatisha bivuga ko ico iyo kompanyi  yashaka kwari uko abategetsi “badakora neza ivyo bajejwe, canke kubahemba kuba babigenjeje uko, mu guha Glencore Energy UK  kandi itari ibikwiye ibitoro  bitayunguruye”. Mu 2018, ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Amerika bwatanguje amatohoza ku bijanye n’ingene Glencore yubahiriza amategeko ya Amerika yerekeye amafaranga y’inkomoko mbi n’ibiturire ku kiringo co kuva mu 2007. Yari yerekeye ibikorwa vy’iyo kompanyi muri Nigeria, Repuburika ya Demokrasi ya Congo na Venezuela. Mu nyuma urwego rw’Ubwongereza rujejwe ivyaha vy’amanyanga bikomeye (Serious Fraud Office, SFO) narwo rwaciye rukurikira mu 2009, rutohoza kuri rimwe mu mashami ya Glencore ku “bishobora kuba ipfumbatisha”  muri Afrika. SFO imbere y’aho yari yavuze ko amatohoza yayo yari yashize ahagaragara “gupfumbatisha hamwe n’ibiturire bigamije inyungu”. Clare Montgomery, aserukira Glencore, yavuze ati: “Kompanyi iricuza yivuye inyuma ikibi catewe n’ivyo vyaha kandi iremera ko ikibi cakozwe, haba ku rugero rw’igihugu canke ku rugero rw’abanyagihugu muri ivyo bihugu vyo muri Afrika vyabayemwo, hamwe n’ico vyononeye abandi.” Umucamanza Fraser yavuze  igihe yariko arasoma urwo rubanza ko Glencore yakoze impinduka mu buryo yigenza ubu ikaba isa n’ikompanyi itandukanye n’iyo igihe ivyo vyaha vyakorwa”. Mu kwezi kwa Rusama (5) , iyo kompanyi yemeye umwumvikano w’amafaranga angana na miriyaridi 1.1 z’ama dorari muri Amerika  bivuye ku ngendo  yayo yo gupfumbatisha mu bihugu indwi mu kiringo c’imyaka 10. Ivyo vyari vyerekeye ibikorwa vy’ico gihangange muri Nigeria , RD Congo na Venezuela. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c72zy41zrnwo +business Terres rares: umushakashatsi Steve de Cliff avuga ko reta y'u Burundi ikwiye gushumbushwa "Reta y'Uburundi isabwa gushiramwo inguvu zose kugira ngo ishobore kwiyungururira amabuye y'agaciro azwi kw'izina rya Terres rares kuko iyo agiye hanze igihugu cibwa. Ibi bivugwa n'umwigisha wa kaminuza akaba n'umushakashatsi mu bijanye n'amabuye y'agaciro Steve de Cliff Juru yakoze icigwa kuri ubu butare bucukurwa mu ntara ya Bujumbura. Muri ubwo bushakashatsi, Steve de Cliff avuga ko basanze terres rares ziriko zirimbwa muri komine Kabezi y'iyo ntara zifise ireme (teneur) ryababa 80%, mu gihe abazicukura bobo bahora babwira reta ko ryababa 54%. Haraciye igihe reta y'Uburundi itangaje ko yasanze ihomba cane mu mafaranga yateganya kwinjiza avuye mu mabuye y'agaciro acukurwa n'ibigo vyo hanze, cane cane ubwo butare bucukurwa mu ntara ya Bujumbura. Mu kwezi kwa kane uno mwaka, umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni yabwiye inama nshingamateka ko hari amakompanyi yo hanze yari amaze imyaka hafi ine acukura ubwo butare ariko ata n'ifaranga atanga mu kigega ca reta. Insiguro ayo makompanyi yatanga, nk'uko umushikiranganji Bunyoni yabisiguye, ngo ni uko mu butaka bimba ata mabuye y'agaciro ahagije basanzeyo nk'uko yari avyiteze, ko rero yakora ahomba. Bunyoni avuga ko yabonye ko harimwo ubusuma n'ububeshi amaze kubuza ko hari amabuye asubira gushorwa amasezerano yo gucukura adasubiwemo, ariko ko icatangaje ari uko mu nyuma imwe muri ayo makompanyi yaje kuvuga ko yari ifise amatoni y'amabuye yo gushora hanze. Mu gukora ubu bushakashatsi, Steve de Cliff Juru yabwiye BBC ko yari afise intumbero yo kuraba ireme (teneur) ry'ubu butare kugira ahinyuze, kuko ababucukura bahora babwira reta ko iyo bacukuye basanga ireme ry'ayo mabuye riri hasi cane ku buryo ata kintu bavanamwo. Ati: ""Jewe nari namaze kuraba hanyuma ndavuga nti bishobora kuba biri mu ma 80% canke birenga. Babwira reta ko muri izi terres rares ata kintu bavanamwo, ariko twebwe twaraberetse ko burimwo bwinshi cane"". ""Ubu rero ni vyiza twarabibonye turabibereka… Aba bantu bategerezwa kwumva y'uko bakwiye gushumbusha reta y'Uburundi kuko yari yabizigiye ibaha ubutaka bwayo babucukure ku neza y'abarundi ariko bobo bagacukura bitwarira iwabo, bakabesha ku biciro"". ""Wahora ufata nk'ikintu twebwe tubona ko kigurwa nk'ibihumbi icenda vy'amadorari ku kilo, mugabo ukavuga ngo ni amadorari abiri"". Asigura ico ari co Terres rares, de Cliff asigura ko iri ari izina rihabwa ubutare burimwo amabuye 17 y'agaciro kadasanzwe. Aya mabuye ni ayitwa scandium, yttrium, Lanthane, Cérium, Praséodyme, Néodyme, Prométhium, Samarium, Europium, Gadolinium, Terbium, Dysprosium, Holmium, Erbium, Thulium, Ytterbium, hamwe na Lutécium. De Cliff avuga ko igituma bazita terres rares bidasigura uko kw'isi zitahari, ariko ko ari kubera y'uko usanga utu tubuye tunyanyagije hirya no hino. Avuga ko ubutare bwazo i Burundi ataho buhuriye n'ubutare bwazo mu bindi bihugu, kuko ""twebwe ng'aha iwacu, zimeze nka kurya kw'inzahabu"". Ati: ""Mu Burundi ugiye ugacukura ikibuye mu kuzimu uca usangamwo ubwo butare""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57731306 +business Gushona ibirato: Constence Ndayishimiye avuga ko uyu mwuga ubu ari wo umutunze Constance Ndayishimiye, Umurundikazi w'abana batandatu, yahisemwo gukora umwuga wo gushona ibirato mu bisanzwe ukunze gukorwa n'abagabo. Avuga yuko ubu ari wo umutunze... Aha aganira na Cyriaque Muhawenayo. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61100629 +business Leta y’u Burundi iragabisha abacuruza imyunyu idakwije ibisabwa Umushikiranganji w'ubudandaji, amahinguriro n'ingenzi mu Burundi aragabisha ko mu gihugu hibonekeza imyunyu mibi itagira ivyunyunyu bikwiye canke birenze urugero. Mu gihe yari yakoranije abamenyeshamakuru n'abarwizatunga i Bujumbura ejo ku wa kabiri, umushikiranganji Jean-Marie Niyokindi yavuze ko iyo myunyu yinjira ivuye muri Tanzania. Avuga ko nyuma baca bayihindura ikitwa ko ikorerwa mu Burundi. Bwana Niyokindi avuga ko igiteye ubwoba ari uko iyo myunyu bita umusyano igurwa ku rugero runini cane n'abanyagihugu. Aragabisha ko urudandazwa rwayo rutemewe n'amatagegeko kuko ari imyunyu ifise ingaruka mbi ku magara y'abantu. Umunyu ukwije ibisabwa n'amategeko uba ufise icunyunyu bita iode ku rugero ruri hagati ya 30 na 60, ibipimo abanyagihugu benshi bitoroshe ko batahura. Bwana Niyokindi avuga ko umunyu usanzwe ukoreshwa mu Burundi uva ahanini muri Tanzania, uyu ngo usanzwe uzwi kandi wemejwe n'igisata kijejwe gucungera ibidandazwa muri ico gihugu. Iyi myunyu itemewe yinjizwa mu gihugu ifise amazina nka CHUMVI MAWE, CHUMVI SAFI, CHUMVI NZURI. Bwana Niyokindi avuga ko ishitse mu Burundi baca bayisya bakayitekera mu mifuko maze ikitwa ko ari imyunyu yakorewe mu Burundi (Made in Burundi). Imyunyu idakwije canke irengeje urugero rw'icunyunyu 'iode' itera indwara y'umwingo n'izindi. Avuga kandi ko abahinga mu vy'amagara y'abantu bemeza y'uko hampande y'umwingo, iyo myunyu itera izindi ndwara nk'ihahamuka, gukeha ubwenge, indwara zituma abana batagira ubwenge bukwiye, abagore bibungenze bakagira ibibazo n'izindi. Bwana Niyokindi aremera ko hari amakosa yakozwe nk'ukutubahiriza amategeko agenga amasoko yo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko u Burundi busanzwe burimwo. Umushikiranganji Niyokindi agabisha abadandaza ko urudandazwa rw'iyo myunyu rutemewe, kandi ko leta idashobora kuvyihanganira. https://www.bbc.com/gahuza/49659440 +business US: MacKenzie Scott yatanze imfashanyo ya miriyaridi $4.2 mu mezi ane "MacKenzie Scott, yahoze yubakanye n'uwatanguje kompanyi Amazon, Jeff Bezos, yatanze imiriyaridi 4.2 z'amadolari ya Amerika ku bubiko bw'imfungurwa (food banks) n'izindi mfashanyo zihuta mu kiringo c'amezi ane. Ku rubuga rwiwe, Scott yavuze ko ashaka gufasha abanye Amerika bari mu ngorane kubera ikiza coronavirus. Umupfasoni Scott agira uwa 18 mu bantu batunze cane kw'isi, ubutunzi bwiwe bukaba bwavuye ku miriyaridi 23.6 z'amadolari bushika kuri 60.7 uyu mwaka. Bwinshi mu butunzi bwiwe bwamuka kuri Bezos, umutunzi wa mbere kw'isi, akaba ari na we arongoye kompanyi Amazon. Kuri uyu wa kabiri, ku rubuga rwiwe yanditse ati: ""Iki kiza cabaye ikintu kibi cane ku buzima bw'abanye Amerika bari basanzwe bamerewe nabi,"" yongerako ko yatoye amashirahamwe 380 yo guha imfashanyo mu gihe yipfuza gushika ku mashirahamwe 6.500. Ati: ""Agahombo mu butunzi n'ingaruka mbi ku magara y'abantu vyarazahaje abapfasoni, abirabure hamwe n'abantu bakenye. Hagati aho, ubutunzi bwo bw'abagwizatunga bwariyongereye."" Umupfasoni Scott yatanze umuriyaridi 1.7 ku mashirahamwe 116 mu kwezi kw'indwi, avuga ko ashaka gukubitira akagohe ""amashirahamwe n'abategetsi guhindura ingendo."" Ayo akaba ashikanye hafi imiriyaridi 6 z'amadolari atanze y'imfashanyo muri uyu mwaka. Iyo mfashanyo igenewe ahanini ""abasanzwe bafasha abantu bageramiwe n'ibura ry'imfungurwa, abageramiwe n'ingingo z'amacakubiri afatiye ku rukoba, abafise urugero runini rw'ubukene hamwe n'abafise ubushobozi buke bwo kuronka imitahe."" Mu mwaka uheze, yarashize umukono ku mugambi wa 'Giving Pledge', aho yiyemeje gutanga igice kinini c'ubutunzi bwiwe. 'The Giving Pledge' n'icemezo gifatwa n'abagwizatunga ku giti cabo n'imiryango yabo co ku gutanga igice kinini c'ubutunzi bwabo. Abahinga mu vyo gutanga imfashanyo barashimye amahera amaze gutanga n'uburyo yabicishijemwo. Umupfasoni Scott yakoranye n'umugwi w'abahanuzi mu kurondera amashirahamwe ibihumbi n'ibihumbi." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55329280 +business Amerika yabujije igurishwa ry’ibihingurwa n'amakompanyi y'Ubushinwa ku mvo z’umutekano "Reta Zunze Ubmwe za Amerika yabujije kugurisha no kwinjiza ibikoresho vy’amakompanyi atanu y’Ubushinwa, harimwo Huawei na ZTE, ku mvo z’umutekano w’igihugu. Ayandi makompanyi ari kuri uru rutonde ni Hikvision, Dahua na Hytera ahingura ibikoresho vya ya ma camera yo gucungera (video surveillance) hamwe na ya maradio yo guhanahana amakuru. Ni bwo bwa mbere abategetsi ba Amerika bafashe ingingo nk’iyi ku mvo z’umutekano. Hikvision ivuga ko ibikoresho vyayo ata ngorane z’umutekano biteje kuri Amerika. Ivuga ko iyi ngingo ata “kintu na kimwe izofasha ku mutekano wa Amerika, ariko ko izokwonona vyinshi kandi ko izoba uruhombo ku badandaza bato bato, abategetsi bo hasi, abarongoye amashure ku nzego z’uturere hamwe n’abantu ku giti cabo muri Amerika, mu twigoro twabo two kwikingira, gukingira imihana yabo, udurandaza rwabo n’amatungo yabo”. Huawei n’ayandi makompanyi aherutse guhakana ko ata makuru ahereza reta y’Ubushinwa. Umurwi w’igihugu ujejwe guhanahana amakuru muri Amerika (Federal Communications Commission, FCC) uvuga ko abawugize bemeje nijoro ku wa gatanu ata n’umwe avuyemwo izo ngingo nshasha. Jessica Rosenworcel  arogoye uyo murwi avuga mw’itangazo ati: ""FCC yariyemeje gukingira umutekano w’igihugu cacu mu gutuma ibikoresho vyo gutumatumanako bitizewe bitemererwa gukorera mu gihugu cacu. ""Izi ngingo nshasha ni nkenerwa mu bikorwa vyacu bibandanya vyo gukingira Abanyamerika icoza gihungabanya umutekano wabo biciye mw’itumatumanako”. Kubera iyi ngingo itaraba ivya kahise, aya makompanyi ari ku rutonde arashobora kubandanya agurisha ibidandazwa vyayo vyari bisanzwe vyemewe kugurishwa muri Amerika. Ariko FCC ivuga ko iriko irarondera insiguro ku ngingo zizosubirwamwo muri kazoza ku bijanye n’ibikoresho vyari vyaramaze kwemererwa kwinjira canke kugurishwa, ibi bigasigura ko bishoboka y’uko impusha zisanzwe zihari zishobora kuzofutwa muri kazoza. Izi ngingo ni zo zanyuma ziherutse gufatwa na Amerika ku makompanyi y’Ubushinwa ku makenga y’uko yoba akora nka maneko, ubwoba bukaba bugenda bwiyongera muri ino myaka ya vuba kuri iki kibazo mu bategetsi ba Amerika. Ku butegetsi bwa Barack Obama, harafashwe ingingo zo kugabanya ibidandazwa vy’amakompanyi y’Ubushinwa vyinjira kw’isoko ya Amerika. Ku butegetsi bwa Donald Trump zariyongereye, zikaba zibandanya ku butegetsi bw’umukuru w’igihugu wa kino gihe, Joe Biden." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c0jgg8n33qeo +business Ihinguriro ry'inzoga mu Burundi Brarudi ivuga ko ibinyobwa ihingura bikwije ibisabwa "Ihinguriro ry'inzoga mu Burundi BRARUDI rimenyesha ko ibinyobwa vyose rihingura rikongera rikadandaza bikwije ivya ngombwa bisabwa ku rwego mpuzamakungu. Brarudi ishikirije ivyo inyuma y'aho umushikiranganji w'ubudandaji, amahinguriro n'ingenzi amenyeshereje ko mu gihugu hari imyidogo ko ibinyobwa bihingurwa n'iryo shirahamwe vyatakaje akanovera. Hari haciye iminsi haboneka ubukene bw'inyobwa za Amstel ndende, hamwe na Amstel ngufi bita bock, Brarudi ikavuga ko vyatumwa n'abakiriya b'umurengera. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku wa gatanu, umushikiranganji Jean-Marie Niyokindi, yavuze abihereza Primus, Amstel, Royal n'amafanta, vyose bihingurwa na Brarudi, ""vyatakaje akanovera bagereranije n'imyaka iheze"". Umushikiranganji Niyokindi akebura iryo hinguriro ""gukora ibinyobwa vyiza bitonona amagara y'abavyihereza"", haba mu Burundi, mu karere canke no mu bindi gihugu"". Asaba ikigo BBN kijejwe kugenzura akaranga k'ibidandazwa kwama kirikanuye kikagenzura ko ivyo binyobwa bihingurwa n'iryo hinguriro biri kw'isoko bikwije ibisabwa. Bwana Niyokindi kandi ko hari icegeranyo cakozwe n'abagenduzi bo muri ubwo bushikiranganji bwiwe cerekana ko hari ubukene bw'ibinyobwa bihingurwa n'iryo shirahamwe. Avuga ko ivyo bituma ibice 90% vy'ababidandaza ivyo binyobwa hagati mu gihugu bikika mu kiza bakaduza ibiciro uko bishakiye, baciye kubiri n'amategeko agenga urudandaza rwazo. Brarudi ngo ishira imbere akanovera Mw'itangazo ryasohowe n'iryo hinguriro inyuma y'ayo majambo yashikirijwe n'umushikiranganji Niyokindi, Brarudi yavuze ko irazwa ishinga n'akanovera k'ibinyobwa rihingura ku neza n'abakiriya baryo. Rirahumuriza kuri ayo makenga y'akanovera, rikavuga ko amashiramamwe HEINEKEN na Coca-Cola akorana naryo, yama akora ivyigwa kugira ngo arabe ko inzoga zihingurwa zikwije ibisabwa kandi ko n'ibikoresho vyayo bimeze neza. Ishirahamwe Brarudi rimaze imyaka irenga 60 rikora inzoga mu Burundi, rikavuga ko ari ryo rya mbere ritanga amakori menshi mu gihugu. Ubukenye bw'ibinyobwa vya Brarudi bumaze igihe, aho hari abibaza ko vyoba bitumwa n'ikena ry'amafaranga y'agaciro, ariko Brarudi yo ikavuga ko biva ku bavyihereza bongerekanye. Kuva Uburundi bwinjiye mu ngorane za politike mu mwaka wa 2015, ibihugu biteye imbere bimwe vyahagaritse imfashanyo vyahora biha ico gihugu, ivyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49943751 +entertainment Video: Mu munota umwe... ubuzima bwa Queen Elizabeth II Ubwami bw'Ubwongereza bwabuze Umwamikazi, Elizabeth II, yari amaze imyaka 70 ku ngoma. Ubu ni ubuzima bwiwe kuva yimikwa gushika ku munsi wiwe wanyuma... mu munota umwe. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c4nmr1y150eo +entertainment Ivory Coast: umutumire wa televiziyo yateye uburakari mu kwerekana ingene yafata abagore ku nguvu Televiziyo yo muri Côte d'Ivoire yasavye imbabazi inyuma y'ikiganiro c'umugabo avugwa ko yafata abagore ku nguvu, akaba yabonetse ariko yerekana ingene yabigenza akoresheje ikibumbano (mannequin). Umumenyeshamakuru yaritwengeye n'agahemo mu gihe yafasha uyu mugabo kuryamika ico kibumbano hasi. Inyuma y'aho, uyu mugabo yarasabwe gutanga impanuro ku bagore kugira ngo bashobore kwirinda gufatwa ku nguvu. Abantu bangana na 30.000 bateye igikumu ku rwandiko rusaba ko ico kiganiro gihagarikwa kuri iyo mboneshakure yigenga, Nouvelle Chaîne Ivoirienne (NCI). Umushikiranganji ajejwe ibibazo vy'abakenyezi Nassénéba Touré ari mu bateye igikumu bakavuga ko ikiganiro cerekanywe ku wa mbere giteye kubiri n'utwigoro tw'ico gihugu two kurwanya ingeso yo gufata abagore ku nguvu. Umumenyeshamakuru, Yves de M'Bella, yarasavye imbabazi inyuma y'iki kiganiro cerekanywe mu masaha haba hari abantu benshi bakurikira televiziyo, ariko akaba yarahagaritswe vy'agateganyo. Uburongozi bw'ico kinyamakuru buvuga ko bwiyemeje kwubahiriza agateka ka zina muntu, cane cane akageta k'abakenyezi. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58405365 +entertainment Ibiteramo Koffi Olomide yategekanya muri Afrika y’Epfo vyahagaritswe "Ibiteramo bibiri vy'umuririmyi rurangiranwa Koffi Olomide vyahagaritswe kubera ivyo yagirizwa vy'ugufata ku nguvu abigeme akoresha mu muziki wiwe. Koffi Olomide akomoka muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Kongo aragirizwa ko yafashe ku nguvu umwe mu bigeme basanzwe bamufasha gutamba igihe yari afise imyaka 15. Olomide w'imyaka 62 y'amavuko, izina ryiwe ry'ukuri ni Antoine Agbepa Mumba yategekanya kugira igiteramo mu kigo ca Gallagher Convention Centre ha nze y'igisagara ca Johannesburg ku wa 28 z'uku kwa gatandatu. Inyuma y'aho, yategekanya gukora ikindi mu kigo ca Shimmy Beach Club kiri muri Cape Town haciye iminsi ibiri. Ariko ivyo bigo vyahagaritse ivyo biteramo inyuma y'isekeza ry'ukubirwanya ryakorewe ku mbuga hwaniro baciye ku rufunguruzo #StopKoffiOlomide kubera ivyo yagirizwa vy'ugufata ku nguvu. Charles Wilson arongoye ikigo Gallagher Convention Centre yanditse ati: ""Muramenyeshejwe ko igiteramo ca Koffi Olomide ….kitakibaye"". Nayo Shimmy Beach yamenyesheje ku munsi wa kabiri ku rubuga rwa Twitter ko yafashe ingingo yo guhagarika igiteramo ciwe mu ndwi iheze. Iyo ngingo yaranezereje abari batanguje kuri Twitter iryo sekeza ryo kubuza Koffi Olomide ivyo biteramo muri Afrika y'Epfo. Mu kwezi kwa gatatu, sentare y'Ubufaransa yaraciriye Koffi Olomide umunyororo ubangiriwe w'imyaka ibiri mu gihe atari yitavye urwo rubanza. Vyinshi kuri iyi nkuru soma ng'aha." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48722329 +entertainment Africa muri iyi ndwi mu mafoto: 22-28 ukwezi kw'icumi, 2021 Amwe mu mafoto meza kurusha ayandi yo muri Afrika n'ahandi. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59089052 +entertainment Shakira agiye kurengutswa muri Espagne kubera kutariha amakori "Umunyamuziki w’igihangange, umunya-Colombia Shakira agiye kurengutswa mu butungane bwa Espagne yagirizwa gukwepa kuriha amakori yababa imiriyoni 14,5 z’ama euro. Sentare yo muri Barcelona yategetse ko uyu muririmvyi arengutswa ku vyaha bitandatu yagirizwa, n’aho ata tariki yamenyeshejwe. Abashikirizamanza ba Espagne bashaka ko uyu munyamuziki rurangirnwa apfungwa imyaka umunani, yongere atozwe n’ihadabu ry’imiriyoni 23,8 z’ama euro mu gihe yokwagirwa n’icaha. Uyu muririmyi w’imyaka 45 abandanya ahakana ivyo yagirizwa. Mu kiganiro aheruka kugiriranira n’ikinyamakuru Elle co muri Espagne, yavuze ati:  ""Ndizeye ko mfise ivyemezo bikwiye kugira ngo niregure kandi ko ubutungane buzonyeza”. Mw’itangazo ryabo, ababuranira Shakira bavuga ko bazokora ico bajejwe “mu kwerekana ivyemezo mu gihe nyaco”. Yabanje kwanka umwumvikano n’abashikirizamanza, ahitamwo kuja mu butungane. Uru rubanza ruhagaze ku kirego kijanye n’aho yabaye hagati ya 2012 na 2014, igihe abashikirizamanza bamwagirije ko yaba muri Espagne ariko akaba yandikishije ko yaba ahandi. Mu mategeko ya Espagne, abantu babaye mu gihugu amezi arenga atandatu bafatwa ko ari abantu bategerezwa kuriha amakori. Ariko Shakira avuga ko ataba muri Espagne. Mu kw’indwi, abashikirizamanza basohoye urwandiko rwavuga ko yari yaguze inzu muri Barcelona mu 2012, yahavuye iba iyo kubamwo we n’umukunzi wiwe ico gihe, umukinyi w’umupira w’amaguru wa Barcelona, Gerard Piqué. Abamuburanira bavuga ko gushika mu 2014 amatungo yiwe hafi yose yava mu ngendo yakora kw’isi kandi ko ibihe vyinshi yabimaze hanze ya Espane. Yabwiye ikinyamakuru Elle ati: ""Abajejwe kwegeranya amakori muri Espagne babonye ko ndiko ndareshanya n’umunyagihugu wa Espagne baca batangura kumira amate. Biragaragara ko bashaka gukurikirana aya mahera uko vyogenda kwose”. Shakira yatangaje ko Espagne ari co gihugu arihiramwo amakori yiwe mu 2015. Avuga ko yari yarishe ikori ry’imiriyoni 17,2  z’ama euro kandi ko ata madeni yari asigaranye. Mu rundi rubanza mu 2019, sentare y’igihugu muri Espagne yatoje Piqué ihadabu ry’imiriyoni 2,1 z’ama euro kubera ukutariha amakori hagati ya 2008 na 2010. Mu ntango z’ukwa gatandatu uno mwaka, aba bantu niho batangaza ko bari bavanye inyuma y’imyaka 11. Piqué na Shakira bafitaniye abana babiri b’abahungu, uwa mbere afise imyaka icenda, uwa kabiri imyaka indwi. Mu kiganiro yagiranye na Elle niho yatangaza ubwa mbere ivyo gutandukana kwabo, aho yabwiye iki kinyamakuru ko yari “mu kibazo  gishobora kuba kiri mu bibazo bikomeye cane, ibihe bibi cane mu buzima bwanje”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c9rk5vg5egeo +entertainment BBC Abagore 100: Menya abagore 100 bari ku rutonde rw'umwaka wa 2020 "BBC yerekanye urutonde rw'abagore 100 bakoze ibintu bikomeye kandi bafise ijunja bari hirya no hino kw'isi muri 2020. Uyu mwaka ""BBC 100 Women"" yerekana abafata iya mbere mu guhindura ibintu kandi bakora ibintu bidasanzwe muri ibi bihe vy'ibihuhusi vyinshi. Kuri uru rutonde harimwo Sanna Marin arongoye leta ihuriwemwo n'abagore gusa muri Finilande, Michelle Yeoh, yabaye inyenyeri mu mareresi mashasha ya Avatar and Marvel, hamwe na Sarah Gilbert arongoye ibikorwa vy'ubushakashatsi kuri kaminuza ya Oxford mu kurondera urucanco rwa coronavirus, hamwe na Jane Fonda, umwe mu baharanira gukingira ikirere akongera akaba n'umukinyi w'amareresi. Hanyuma muri uno mwaka udasanzwe - mu gihe abagore batagira igitigiri kw'isi bitanze mu gufasha abandi - izina rimwe ku rutonde rwa ""BBC 100 Women"" ntiryashizwemwo nko gutanga icubahiro. Aba bagore 100 BBC ibahitamwo gute? Isekeza ""BBC 100 Women"" rifise umugwi w'abakozi bakora urutonde bafatiye ku mazina bakusanije bo nyene hamwe n'ayo bashikirijwe n'ibiganiro vya BBC World Service bitangaza mu ndimi zitandukanye. Twarondera abakandida bakoze ibidasanzwe bikavugwa cane, canke batumye handikwa inkuru zikomeye mu mezi 12 aheze, co kimwe n'abatumye havuka inkuru zayazwe, bashitse ku kintu kidasanzwe canke bateye intege ikibano cabo naho vyoba bitaravuyemwo inkuru. Amazina yatororokanijwe yaciye yihwezwa hisunzwe insanganyamatsiko y'uno mwaka - abagore bagize ico bahindura - hanyuma arihwezwa hisunzwe guserukirwa kw'intara zose hamwe no kudahengamira uruhande na rumwe, imbere y'uko urutonde ntabanduka rutorwa. Ababifiseko ububasha: University of Melbourne, Kim SooHyeon , Quoc Dat, Rachata Sangkrod, Fee-Gloria Groenemeyer, Rakyan Bramasto, NCID,Thomas Laisne, Nandar, Kunjan Joshi, Shajan Sam,Shahbaz Shazi, AxKimia, Arash Ashourinia, UNHCR, Nancy Rached, Emily Almond Barr, ICARDA, 89up, No Isolation, Anna Khodyreva, Bogdanowa Ekaterina, Anastasia Volkova by Sydney Morning Herald, University of Oxford / John Cairns, Arvid Eriksson, Jeronimo Zúñiga / Amazon Frontlines, Alejandra Lopez, Víctor Hugo Yañez Ramos, Rick Buchanan Photography, Eddie Hernandez Photography, Ant Eye Photography, Chris Collingridge, Abdelhamid Belahmidi, Kunmi Owopetu, Alien Prose Studio, Mastercard Foundation, Hannah Mentz, Fortress, Vice Media Group LLC, Francis Mweze from Sighted Design, Angelou Studio's, Zola Photo, David Gee, Will Kirk, Paloma Herbstein, Miguel Mendoza Photo Studio, Denise Else, Dioned Williams, Alcaldía Mayor de Bogotá, Global Network of Women Peacebuilders, Reece Williams with Artists in Presidents, Sebastian Lindstrom, Getty Images, Andrés Kerese, Gulnaz Zhuzbaeva, Claire Godley, The Australian Water Association, Wu Baojian, Laura Kotila Prime Minister's Office, O'Shea Tometi, María Esme del Río, Gio Solis, Laurent Serroussi, DCMS, Inti Gajardo, Morgan Miller, Helena Price Hambrecht, Courtesy of John Russo, UN Women/Ploy Phutpheng. Vyahinyanyuwe na Amelia Butterly, Lara Owen, Lorin Bozkurt, Valeria Perasso, Stephanie Gabbatt, bitegurwa na Alison Trowsdale, Ana-Lucia Gonzalez, bitunganywa na Marta Marti Marques, Chloe Skillman nayo uwacafye ni Sean Willmott. ""BBC 100 Women"" ni iki? BBC 100 Women itangaza abagore 100 b'imboneza bo hirya no hino kw'isi buri mwaka. Dutegura amareresi mbarankuru, ibiganiro birebire hamwe n'ibiyago ku buzima bwabo, mu guha umwanya munini inkuru zishira imbere abagore. Kurikira BBC 100 Women kuri Instagram na Facebook unagire ijambo mu kiyago." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55074404 +entertainment Agashimwe kitiriwe Komla Dumor mu 2020: BBC irondera umunyamakuru w'icitegererezo mu mwuga wo kumenyesha amakuru ku mugabane wa Afrika "BBC iriko irondera umumenyeshamakuru w'icitegerezo mu mwuga wo kumenyesha amakuru ku mugabane wa Afrika ibicishije ku gashimwe kitiriwe Komla Dumor Uwo muhisi yahoze akorera BBC mu gisata c'amakuru bita World News, iri higanwa rikaba riba uko umwaka uheze, iry'uno mwaka rikaba rigira 6. Abamenyeshamakuru bo ku mugabane wa Afrika baratumiwe guhiganirwa ako gashimwe, gafise intumbero yo kwerekana no guteza imbere abafise ingabire zidasanzwe bari kuri uyo mugabane. Uwuzogatsindira azomara amezi 3 ku biro bikuru vya BBC i London, aho azoronkera ubundi bumenyi hamwe n'ibijanye no kuba inararibonye mu mwuga. Italiki 16 z'ukwezi kwa 3 isaha zitanu n'iminuta 59 z'ijoro ku masaha mpuzamakungu, niho kwakira amadosiye bizohagarara. Ako gashimwe kashizweho mu ntumbero yo kwibuka Komla Dumor, umumenyeshamakuru adasanzwe yari afise amavuko mu gihugu ca Ghana yavuga kw'iradiyo akongera akaba ashikiriza amakuru mu gisata ca BBC bita World News, yitavye imana giturumbuka afise imyaka 41 mu 2014. Uyu mwaka ibirori vyo gutanguza ako gashimwe bizotangurizwa mu gisagara co muri Afrika y'epfo ca Johannesburg. Ako gashimwe kazohabwa umunyamakuru atuye akongera akaba akorera muri Afrika, yerekana ubumenyi bujanye n'umwuga wo kumenyesha amakuru, mu kuvuga kw'iradiyo hamwe n'ubuhinga mu gushikiriza amakuru, yo ku mugabane wa Afrika, harimwo kuba afise ugushaka n'ubushobozi bwo kuba umuntu agomba kumenyekana muri kazoza. Mugihe azomara i London, uwuzotsindira ako gashimwe azoronka akaryo ko gutembera ku mugabane wa Afrika gukora inkuru - hanyuma inkuru yiwe izovuga ku mugabane wa Afrika no kw'isi yose. 2015: Nancy Kacungira wo muri Uganda 2016: Didi Akinyelure wo muri Nigeria 2017: Amina Yuguda wo muri Nigeria 2018: Waihiga Mwaura wo muri Kenya 2019: Solomon Serwanjja wo muri Uganda Mu mwaka uheze uwatsindiye ako gashimwe, Solomon Serwanjja, yashikirije inkuru ari muri Kenya mu gisagara ca Nairobi, yerekeye abantu bagerageza kuzana akayaga keza mu gisagara. Yavuze ati: ''Gutsindira ako gashimwe vyagize akamaro kuri jewe, haba ku bijanye n'umwuga mbere no ku giti canje. ''Gukorana na bagenzi banje batsindiye agashimwe kitiriwe Komla, gushobora guhindura iyandikwa ry' inkuru ku mugabane wa Afrika, nciye ku rubuga runini mu gushikiriza amakuru yo kuri uyo mugabane, nkoresheje inzira itanga iyindi shusho kuri uyo mugabane, kabaye agateka kadasanzwe."" Serwanjja azoza mu birori vyo gutanguza iryo higanwa muri uyu mwaka w'i 2020 muri Johannesbourg kandi azoba ari mu baremresha ikiganiro c'igisata ca BBC bita Focus on Africa radio. Ico kiganiro kizokwihweza nimba muri kazoza ubutunzi bw'umugabane wa Afrika bushobora gukomeza butera imbere atahindagurika ry'ibihe rihabaye. Muri ivyo birori igisata ca BBC bita BBC News kizogendera amakaminuza yo muri Afrika y'epfo akomeye harimwo Kaminuza yo muri Mafiking bita North West University, Kaminuza yitwa University of Cape Town iri mu ntara y'uburengero, Kaminuza ya Pretoria hamwe na Kaminuza ya Johannesburg muri Gauteng. Izo ngendo zifise intumbero yo kwereka abamenyeshamakuru ibikorwa vya Komla Dumor, akababera icitegerezo gituma bashima kwihata kugira baze baronke agashimwe nk'ako. Umuyobozi w'igisata ca BBC bita World Service ariwe Jamie Angus, yagize ati: ''Ndanezerewe cane no kubona abamenyeshamakuru bose bagize uruhara mu gashimwe kitiriwe umumenyeshamakuru wa BBC Komla Dumor. ""Kubera umwe wese abandanya ico Komala yadusigiye mu gushikiriza amakuru abantu besnhi yo kumugabane wa Afrika ukurikije ibihe uyu mugabane ugezemwo. ""Buri mwaka, twama twiteze umumenyeshamakuru wundi atsindira ako gashimwe, kugira twumve ingene babona uyo mugabane twongere dusangire nabo uwizera n'ukudahengama biranga BBC - hamwe n'amabanga ngederwako afise uruhara rudasanzwe mu ntwaro rusangi.""" https://www.bbc.com/gahuza/51616788 +entertainment Imvo n'Imvano na Israël Mbonyi, umuririmbyi wa 'Gospel' wo mu Rwanda Ndabahaye mwiriwe mwese abateze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uno wa gatandatu. Uno munsi muri studio zacu twakiriye umuririmvyi w'Umunyarwanda, Israël Mbonyi, aririmba indirimbo z'Imana, canke Gospel Music. Muti rero kuki mwahisemwo kutubwira ivy'uwo muririmvyi uno munsi? Israël Mbonyi ari mu baririmvyi bariko baramenyekana cane mu karere eka mbere no kw'isi, akaba amaze kuremesha ibiteramo mu Bwongereza, muri Canada, mu Bubirigi, mu Buholandi, muri Finland, mu Buhindi, muri Kenya, Uganda, Mozambique, Afrika y'epfo... Aho noba nibagiye ngirango araza kuhatubwira. Kiretse rero kutwiganira ku buzima bwiwe hamwe n'ingene yatanguye mu muziki, Israel yaje anitwaje igitari ciwe, akaba aza kuducishiriza mu gahogo aturirimbire live ngaha muri studio. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mukagishikirizwa na Robert Patrick Misigaro. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49534170 +entertainment Kim Kardashian 'yituye ubutungane ngo yahukane na Kanye West' "Kim Kardashian yituye ubutungane kugira yahukane n'umuyamuziki Kanye West asanzwe aririmba mu mudiho wa rap, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vya Amerika. Aba bantu bari bamaze hafi imyaka indwi bubakanye bakaba bavyaranye abana bane. Iyi nkuru yatangajwe n'ikinyamakuru gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi TMZ gisanzwe gitangaza amakuru ku bihangange, inyuma y'amezi atari make hari ibihuha bivuga ko aba bantu batoba babanye neza. Amakuru ava mu binyamakuru vya Amerika avuga ko uyu mukenyezi rurangiranwa w'imyaka 40 yasavye ko we na Kanye West bompi bemererwa kurera abana. Nta n'umwe aragira ico ashikirije. Aba bantu bari mu bantu bazwi cane kw'isi kandi bose bagiye bagira amahirwe mu bikorwa vyabo. Kim yatanguye kumenyekana mu 2007 nk'igihangange mu rukurikirane rw'ibiganiro yakoze kuri tereviziyo E! Television ku bijanye n'umuryango wiwe. Urukurikirane rw'ibiganiro rwiswe Keeping up with the Kardashians rwarabaye rurangiranwa kuva ico gihe, igice kigira 21 kikaba citeze kwerekanwa mu mwaka uza. Iki gihangange mu biganiro bica ku mboneshakure yaronse amahirwe yo gushika kure mu bisata bitandukanye, ikinyamakuru Forbes kikaba kibona ko yoba afise ubutunzi buharurwa muri miriyoni 780 z'amadorari y'abanyamerika. Ku ruhande rwiwe, nk'umuntu azwi cane mu miziki yakunzwe cane kw'isi nka Gold Digger, Kanye West ni umwe mu bihangange mu muziki wo mu mudiho wa rap kuva imyaka 15 yose. Arazwi cane kandi no mu mideri. Baramaze imyaka itari mike bamenyanye imbere y'uko babana, West akaba yagiye kuboneka mu kiganiro ca Kim ku muryango wiwe mu 2010. Bavyaranye umukobwa w'imfura wabo, North, mu kwa gatandatu 2013. Mu mpera z'uwo mwaka, West yateguye ibirori bikomeye cane vyo kumusaba ko barongorana, vyabereye ku kibuga c'umurwi San Francisco Giants wa baseball yari yakotesheje imbere y'umuryango wa Kim n'amakamera, aho mbere yari yakodesheje umurwi w'abacuraranzi. Ubugeni bwabo babugiriye mu Butaliyano mu kwa gatanu 2014, ifoto yaberekanye basomana ku musi w'ubugeni ikaba ari yo yakunzwe cane ku rugero rutari bwigere rubaho ico gihe ku rubuga rwa Instagram. Umwaka wakurikiye Kardashian yavyaye umuhungu wabo wa mbere, Saint West, mu mwaka wakurikiye. Bongeye bavyara abandi bana babiri, Chicago na Psalm, babicishije ku wundi mugore (surrogate/mère de substitution) inyuma y'aho Kim agiriye ibibazo atewe n'imbanyi z'imbere y'aho. Kuva ico gihe, ntibasubiriye kuvugwa cane mu binyamakuru, cane cane igihe Kardashian yibiwe n'abantu bari bitwaje inkoho i Paris mu 2016. Mu mwaka uheze, West yaragerageje kurondera kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika, ariko biranka. Mu gihe c'imyiyamamazo yiwe, uyu mu raperi yarashikiriza amajambo adatumbereye neza imbere y'abantu no ku mbuga ntangamakuru, ivyateye impungenge abantu batari bake biba ngombwa ko Kardashian agira ico avuze. Ico gihe, yavuze ko umugabo wiwe yari afise ikibazo co mu mutwe, ko yari ""umuntu w'incabwenge ariko agoye"", asaba abantu n'ibinyamakuru kumwumvira impuhwe kubera ivyo bibazo vyo mu mutwe. Ibihuha bivuga ko aba bantu bashaka kwahukana bimaze amezi atari make bizunguruka mu gihe bivugwa ko Kardashian yamaze no kurondera umushingwamanza azwi cane Laura Wasser. Mu kwa mbere, ikinyamakuru Page Six gitanga amakuru ajanye n'ubuzima bw'ibihangange cavuze ko urubanza rwari rwimirije, kikavuga ko West yari yimariye ikiringo cose c'imisi mikuru mw'iyororero ryiwe riri ahitwa Wyoming muri reta ya California aho uwo muryango usanzwe ukomoka." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56136575 +entertainment Anne Heche : Uwo mukinyi wa film muri US ntiyitezwe kurokoka, bivugwa n'umuryango Umukinyi wa film Anne Heche ntiyitezwe kurokoka, nk'uko bivugwa n'umuryango wiwe, inyuma y’isanganya  ryabaye mu ntango z’iyi ndwi aho imodoka yiwe yahiye igatokombera. Aracari muri koma (coma) kandi yarakomeretse bikomeye mu bwonko ku buryo ata mwuka w'ubuzima (oxygene) ugishobora gushikayo, nk'uko babivuze. Bongeye bavuga bati: ‘Twashaka gushimira uwariwe wese ku masengesho n’ivyifuzo vy’uko Anne yokira tukanashimira abakozi bo kwa muganga n’abaforoma b'igitangaza.'’ Imodoka yiwe yagonze inzu y'igorofa zibiri i Los Angeles mu ndwi iheze. Igiporisi cavuze ku wa gatanu ko mu matohoza yaco ya mbere casanze mu maraso yiwe harimwo ibiyayuramutwe ariko hari hagikenewe ibindi bipimo kugira hamenyekane yindi yose yaronkeye kwa muganga. Igiporisi ca Los Angeles cabariye itorokanirizo ry'amakuru PA ko iryo sanganya ririko rikorwako amatohoza nk’icaha co kugonga catumwe n’ugutwara imodoka hari ivyo wafashe [vyotuma udatwara neza]. Uyo mugore w’imyaka mirongo 53 w’abana babiri yarakinye muri film zirimwo Donnie Brasco , Cedar Rapids na  1998 Psycho isubiwemwo Ayandi ma film yakinyemwo arimwo I Know What You Did Last Summer, Prozac Nation, Volcano and Six Days, Seven Nights. Yaratowe mu boronka agashimwe ko muri Daytime Emmy Awards mu 1991 k’umukinyi akiri muto kurusha abandi ku kugene yakinye muri Another World. Ibindi bikorwa vyiwe kuri televisiyo birimwo kuba muri muri Ally McBeal, Save Me, Aftermath, Hung, Chicago P.D. na  Men in Trees. Heche yarabonetse kandi muri Dancing with the Stars, igereranywa na Strictly Come Dancing mu Bwongereza. Amakuru y’igisata kizimya imiriro muri Los Angles avugako  imodoka ya Heche yatse umuriro mwinshi inyuma yo gutwarwa gushika ku metero zirenga 9 imbere muri iyo nzu, ivyatumye iyo nzu atawushobora kubandanya kuyibamwo. Ariko yitabwaho n’ikigo Grossman Burn Center ku bitaro West Hills kandi ariko ivyuma bifasha kubandanya ari muzima kugira hihwezwe niba ingingo z'umubiri wiwe zikimeze neza ku buryo zohabwa abazikeneye, nk'uko umuryango wiwe wabivuze mw'itangazo. https://www.bbc.com/gahuza/articles/cq59dd4rx5wo +entertainment Kidum yasohoye indirimbo ya Matata, yamye ashaka kuririmba kuva kera "Umuririmvyi w'Umurundi akorera muri Kenya, Jean Pierre Nimbona, azwi nka Kidum, yasohoye indirimbo y'umuhisi Jean Christophe Matata, indirimbo avuga ko ari yo yatumye ashaka gukora uwo mwuga. Iyo ndirimbo ni N'Inyagasambu Rirarema, yasohowe na Jean Christophe Matata mu ntango y'imyaka 1990. Iyo ndirimbo iri mu za kunzwe cane z'uwo munyamuzika w'Umurundi yaryamiye ukuboko kw'abagabo mu 2011 nyuma y'igiteramo muri Afrika y'epfo. Christophe Matata yari akunzwe cane cane mu bihugu vy'u Burundi n'u Rwanda, ariko kandi no mu karere eka mbere no mu mihingo ya Buraya na Canada. BBC yashatse kumenye igituma Kidum yahisemwo gusubiramwo iyo ndirimbo, kandi hari izindi nyinshi zakunzwe za Matata. Kidum yabwiye BBC ko yahuye na Matata ubwa mbere mu 1990, bahujwe n'umugenzi, bahurira ahantu yaba bita kwa Musoni, ku rubibe rwa Kinama na Kamenge mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura. Kidum yagize ati: ""Yari ahejeje gusohora indirimbo Inyagasambu, Rastamani, Sinzokwibagira... zikunzwe cane mu Burundi. ""Iyo ndirimbo yasohotse ndi umu 'jeune' ntanguye amashure yisumbuye. Yabaye imbarutso yo kunsunika cane ngo mbe umuririmvyi imbere y'abantu. ""[N'inyagasambu Rirarema] niyo yabitanguje kuko ico gihe i Bujumbura vyari bishushe, hari 'ambiance' abantu bose bashaka kuba Matata"". Kidum yabwiye BBC ko agihura na Matata ubwa mbere mu 1990, atamwitayeho cane kuko Kidum atari azwi, ataco yari bwakore mu muziki. Ariko mu 1999 amaze gusohora indirimbo 'Yaramenje' yakunzwe cane, Kidum yarabonanye na Matata i Nairobi ahitwa Green Corner, aho Kidum yavugiriza umuziki. Kidum yagize ati: ""Ndamwibutsa ivyo mu 1990 aca avuga ati bwa bundi wabitanguye kuva kera! Nca ndamusaba ko nosubiramwo N'Inyagasambu Rirarema, ariko ico gihe ntavyo yemeye. Mu 2003 Kidum yarasubiye guhura na Matata mu Bubirigi, aho Kidumu yashika i Buraya ubwa mbere kuremeshayo ibiteramo. Naho nyene yaramusavye ko yomwemerera agasubiramwo iyo ndirimbo, Matata nawe agahitamwo iya Kidum yoba ashaka. Kidum agira ati: ""Nagumye ndamusaba no gushika aho apfiriye mu 2011, iyo ndirimbo narayiririmvye ku maziko yiwe, niho nari mpagaze ku Mpanda, ndayiririmba."" Mu vyabaye nko kugerageza, mu mwaka uheze wa 2018 Kidum yasohoye video ifatiwe muri studio ari kumwe n'abaririmvyi biwe, baririmba ikibiriraho ku cuma ca piano, indirimbo N'Inyagasambu Rirarema. Kidum ati: ""Narayisohoye live mbona abantu barayikunze, nca ngira iciyumviro c'uko noyicisha muri 'production'. Ariko ntibirarangira kuko nshaka ko umungu wiwe [wa Matata] Armel aba ari 'umu star' muri video yayo izosohoka. Kidum mu rukurikirane rwiwe rwa mbere rwasohotse mu 1999, yarasubiyemwo indirimbo 'Safari' y'umuhisi Nikiza David, indirimbo nayo yakunzwe cane. Kidum avuga ko ivyo abikora nk'akaryo ko kugarukanira abankunzi b'umuziki umuntu baba barakunze, bagasubira kumwumva ariko mu bundi buryo. Abaririmvyi b'Abarundi batabarutse basize indirimbo zakunzwe ni benshi, kandi hari n'abandi baririmvyi nabo nyene bamaze gusubiramwo zimwe zimwe. Nka hamwe Kidum yosubiramwo indirimbo ya Canco Amisi, nta nkeka ko vyoryohera abatari bake mu bakunzi b'umuziki ndundi. Umviriza ngaha indirimbo N'Inyagasambu Rirarema isubiwemwo na Kidum" https://www.bbc.com/gahuza/50143071 +entertainment Elton John yahagaritse igiteramo muri Nouvelle-Zélande kubera umusonga "Aboneka ko ababaye cane, Elton John vyabaye ngombwa ko ahagarika igiteramo ciwe muri Nouvelle-Zélande inyuma y'uko afashwe n'umusonga. Uyo munyamuziki w'imyaka 72 yaratakaje ijwi mu gihe yari aremesheje igiteramo ku kibuga ca Auckland muri Nouvelle-Zélande ejo ku wa Mungu. Ari imbere y'insinzi ry'abantu yaritakambiye avuga ati: ""Ijwi riranjanye kabisa. Sinshobora kuririmba. Reka ngende. Reka ngende! Ndababaye cane"". Yuzuwe n'amarira, yunama ku nanga yiwe azunguza umutwe. Uyo muririmvyi w'umwongereza yarakomewe amashi menshi umwanya muremure cane, imbere y'uko agenda ashigikiwe n'abagenzi biwe. Imbere y'aho, yari yabwiye abari aho ko bari bamupimye bagasanga arafise indwara y'umusonga udasanzwe. Igiteramo c'ejo ku wa Mungu kiri mu biteramo vyinshi asanzwe ategura iyo aramutse agendera ico gihugu ca Nouvelle-Zélande. Ibimenyesto vy'uwo musonga wamubujije kunezereza abakunzi biwe bisa n'ivy'umuntu arwaye akamangu, bikabamwo n'inkorora, n'ububabare mu gikiriza, akababara no mu muhogo akanameneka n'umutwe. Imbere y'uko agenda, Elton John yari yamaze kuririmba indirimbo zimwe zimwe zizwi cane nka ""Candle in the Wind"" na ""All the Girls Love Alice"" n'izindi. Yasavye imbabazi isinzi ryari ryaje kumusanganira. Yerekanye akababaro kiwe Aciye ku mbuga hwaniro yanditse ati: ""Nararirimvye n'umutima wanje wose, gushika aho ijwi rinjana. Ndababaye cane. Naritanze uko nshoboye kwose"". ""Ndabashimiye cane ku rukundo rudasanzwe mwanyeretse mu giteramo co kuri uno mugoroba. Sinzokwigera ndavyibagira"". Eka n'abakunzi biwe baramuhojeje baciye ku mbuga hwaniro. Mu 2018, yari yategekanijwe kuremesha ibiteramo bishika 300 mu kiringo c'imyaka itatu imbere y'uko ahagarika ibijanye n'ibiteramo"". Uyo muririmvyi rurangiranwa yategerezwa kandi no kuremesha ibindi biteramo ejo ku wa kabiri no ku wa kane." https://www.bbc.com/gahuza/51528297 +entertainment DRC – Ishingurwa rya Tshala Muana ryahatswe kubamwo induru "Igikorwa co gusezera no gushingura umunyamuziki rutura wo muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo cabandanije n'aho sentare yari yabanje gufata ingingo yo kugisivya ku busabe bw’umuryango. Umwe mu bavugizi b’umuryango yabwiye ibinyamakuru ko babandanije bavugana n’umushikirizamanza kugira ngo atange uruhusha ko ibikorwa vyo gushingura Tshala Muana bibandanya kuri uno wa gatanu. Umuryango wiwe w’amaraso, wari washatse guhagarika ishingurwa ryiwe, usa n’uwemeye ko integuro zibandanya uko zitegekanijwe kuri uno wa gatanu bifashijwemwo n'umutambukanyi wa Joseph Kabila. Urwandiko rwari rwasohowe na sentare kuri uno wa gatanu, rwategeka ibitaro kudatanga ikiziga. Ni inyuma y’aho umuryango w’amaraso witwariye umukunzi wa Tshala Muana, Claude Mashala, ari na we yamufasha gusohora indirimbo, umwagiriza ko yihereranije igikorwa co kumushingura, atavyumvikanyeko n’umuryango w’amaraso. Ibintu vyagiye guhinduka ku munota wa nyuma aho umutambukanyi wa Joseph Kabila yahoze ari umukuru w’igihugu, Olive Lembe -azwi ko ari incuti ya hafi cane y’umuryango wa Tshala Muana - avyinjiriyemwo agashobora kwumvisha uwo muryango ko wogenza buhoro. Inyuma y’imyaka itari mike abica bigacika mu muziki, Élisabeth Tshala Muana Muidikay, yari asanzwe azwi kw’izina rya Tshala Muana, yapfuye ku wa 10 z’uku kwezi nyene afise imyaka 64 y’amavuko. Afatwa nk’ “Umwamikazi wa Mutuashi”, umudiho w’umuziki n’intambo vyo mu ntara ya Kasai asanzwe avukamwo. Akunzwe kwitwa ""Mamu National”, ni ukuvuga nyina w’igihugu." https://www.bbc.com/gahuza/articles/ce971l1z5gzo +entertainment Kidum ati: 'Ingingo yo kutazosubira kuririmbira mu Burundi nayivuyeko' "Umuririmvyi rurangiranwa w'umurundi akorera muri Kenya, Jean Pierre Nimbona, azwi cane nka Kidum avuga ko ari mu kuja mu Burundi ubu vuba nyuma yo guhindura icemezo yari yafashe. Mu mpera z'umwaka uheze Kidum yasohoye ubutumwa bugaragaramwo umubabaro, aho yavuze ko atazosubira kuja kuririmbira mu Burundi no mu Rwanda. Iyo ngingo ntiyaguye neza benshi cane cane mu bakunzi b'umuziki wiwe, kuko bavuga ko bahomvye ibiteramo bari bamenyereye ko abategurira. Ariko ubu Kidum, mu bundi butumwa yashize ku mbuga hwaniro yavuze ko u Burundi ari umuvyeyi wiwe kandi ko atorota abuheba. Ubu rero yabwiye BBC Gahuzamiryango ko mu minsi iri imbere agire aje mu Burundi ""mu rugendo rw'akakazi"". BBC yabajije Kidum ikintu nyamukuru catumye afata ingingo ubwa mbere yo kudasubira kuririmbira mu Burundi no mu Rwanda. Uwo muririmvyi w'indirimbo yakunzwe cane ""Yaramenje"" yagize ati: ""Kubera muri ivyo bihugu iyo ndahagiye benshi mu banyagihugu basanzwe baratwawe umutima n'ivya politike, babirimwo cane. ""Bama bakora uko bashoboye kugira ngo ingendo zanje zerekeye ivy'imiziki bazihe intumbero y'ivya politike kandi babizi ko atari vyo ndimwo"" Kidum yongeye ko ati: ""Ni jewe gusa bama bashaka gukwegera mu vya politike, abandi bose babijamwo bakanivuga yuko babirimwo, bo ntibababona kiretse jewe."" Uwo muririmvyi avuga ko ku bw'iyo mvo yahisemwo kuba ""arakinjura"" gato kugira yihe amahoro. Kidum avuga ko afashe ingingo yo gusubira mu Burundi kuko abona ko igihe cari kigeze. Yagize ati: ""Ugukinjura kwanje kirya gihe ni uko hari habaye urukurikirane rw'ibintu kuri jewe kubera gusa nkora akazi kanje ko kuririmba. ""Kuva muri 2016 mu kwezi kw'icenda nararwanijwe n'abantu banziza gusa ko nagiye i Bujumbura gukorayo concert, 2017 ngiye i Kigali abarundi bari mu batavuga rumwe na Bujumbura ntako batakoze ngo banyankanishe n'abajejwe intwaro muri ico gihugu c'u Rwanda. ""Rero bigeze aho naciye mvuga nti uwufise umutwe muto awurinda uruguma. Kubera kwiyobagiza akazi kanje mu kunyitiranya n'abo bahanganye mu vya politike naciye nkinjura."" Kidum avuga rero ko ubu abona umwuka ari mwiza, akavuga ko hari hageze ko ahindura ingingo yafashe yo kudasubira mu Burundi. Yavuze kandi ko no mu Rwanda umwanya niwagera azojayo, akaba naho nyene ahafise abakunzi batari bake. Mu kwezi kw'icenda umwaka uheze, Kidum yategerezwa kuririmba mu giteramo Kigali Jazz Junction itariki 27/09/2019 ariko aca amenyeshwa n'abagiteguye ko atemerewe kuririmba. Ico gihe Kidum yabwiye BBC ko yabwiwe n'abateguye ico giteramo ko ubuyobozi bw'umji wa Kigali ari bwo bwababwirije kumukura ku rutonde rw'abaririmba, ariko ubwo buyobozi bwarabihakanye. Kidum yavuze ko yumvise bivugwa ko kubuzwa kuririmba vyoba vyari bifise imvo za politike, kubera umubano mubi uri hagati y'u Rwanda n'u Burundi. Buri ci vyari bimenyerewe ko Kidum aremesha ibiteramo mu Rwanda no mu Burundi, guhagarika kuja muri ivyo bihugu bikaba vyari vyababaje benshi mu bakunda umuziki wiwe. Kuba ahinduye icemezo akavuga ko agiye kuja mu Burundi, ni ingingo ishobora kugwa neza abakunda umuziki muri rusangi n'abakunda umuziki wiwe ku buryo bwihariye." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51362832 +entertainment Kerry Gladys Ntirampeba, uwuzoserukira u Burundi mw'ihiganwa rya slam Uyu munyatugenegene w'Umurundikazi, azoserukira u Burundi mw'ihiganywa nyafrica ry'amazina avugwa mu ndirimbo canke slam. Yiganiye Marc Niyonkuru ingene yatanguye kugaragaza iyo mpano hamwe n'ico yipfuza gushikako. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56448569 +entertainment 'N'ubwiyorobetsi': Elton John yanebaguye Katolika ku kwanka guhezagira abashaka kwubakana basangiye igitsina "Umuririmvyi rurangiranwa wo mu Bwongereza Elton John yanebaguye Ekleziya Katolika ku ngingo yo kwanka guhezagira abashaka kwubakana basangiye igitsina ayagiriza 'ubwiyorobetsi'. Ivyo abivuze inyuma y'aho Vatikano isohoreye itangazo ryo kwibutsa isi yose ko Ekleziya Katolika idashobora 'kuraganisha abasangiye igitsina'. Urwego rujejwe inyigisho muri Ekleziya Katolika ruzwi nka CDF, ruvuga ko abihebeye Imana badashobora mu nzira iyo ari yo yose gutanga imihezagiro nk'iyo kubera ""Imana idashobora guhezagira ibicumuro"". Iyo nkuru yemejwe na Papa François, yigeze gusa n'uwutemeranya n'abafise ivyiyumviro bikarishe muri Ekleziya Katolika kuri ico kibazo c'abakundana basangiye igitsina. ""Barafise uburenganzira bwo kuba mu muryango"", uko ni ko Papa François yavuze mu gushigikira abakundana basangiye igitsina. Abayoboke b'urunani mpuzamakungu rw'abakundana basangiye igitsina LGBT barashavujwe n'iyo ngingo harimwo na Elton John. Neza na neza yavuze iki? Uwo muririmvyi rurangiranwa w'Ubwongereza yanditse ubutumwa ku rubuga rwa Twitter: ""Bigenda gute ngo Vatican ntihezagire abantu bakundana basangiye igitsina bavuga ko ari igicumuro hanyuma ariko bakunguka amamiliyoni n'amamiliyoni y'amadolari mu mitahe bashize muri Rocketman, ireresi yigina umunezero nakuye mu kwubakana na David???"". Mu mpera z'ubwo butumwa bwo kuri Twitter, uwo munyamuziki yarangije yandika : ""Ubwiyorobetsi!"" Ireresi ya The Rocketman yerekeye ubuzima bwa Elton John. Asigura ingene yateye imbere mu kuba rurangiranwa mu muziki ari na ho avuga ivyerekeye urukundo rwiwe n'abandi bagabo. Bivugwa ko iyo reresi yabaye iya mbere yerekanye umugabo akundana n'abagabo nka we. Kubera iki urwego rufata abantu bakundana basangiye igitsina nk'abanyavyaha bemeye gushira imitahe ku bushake muri iyo reresi? Abahagarariye uwo muririmvyi mu Bwongereza ntibishuye ibibazo vya BBC, ariko ku musi wa mbere, umuvugizi wabo yabwiye Newsweek ko umutahe wa Vatican wavuzwe mu binyamakuru bikomeye harimwo na Financial Times. Yavuze ko, uretse ivyo, ata kindi kintu babivugako. Inkuru zerekeye iyo mitahe ziri mu matohoza yakozwe mu 2019 n'ikinyamakuru co mu Butaliyano ca Corriere Della Sera, kimwe mu binyamakuru bisomwa cane muri ico gihugu. Ico kinyamakuru canditse ko cagunduye inkuru zerekeye amwe mu mahera yatanzwe n'umunyamabanga wa reta ya Vaticano. Ibiro vy'umunyamabanga ajejwe imigenderanire ni kimwe mu bisata bifise inguvu nyinshi i Vaticano. Mu kiringo c'ibinjana vyinshi, ni vyo vyabazwa ibintu nka vyose. Uhereye ku vyerekeye Ekleziya gushika ku bibazo vy'imigenderanire iryo shengero rifitaniye n'amakungu. Muri ayo matohoza, ico kinyamakuru co mu Butaliyano cavuze ko ""imiliyoni zirenga 4.7 z'amadolari zegeranijwe mu ntumbero yo gufasha mw'ikinwa ry'ireresi nka Men in Black hamwe n'iyo ubuzima bwa Elton John Rocketman."" Ico kinyamakuru cavuze ko amahera y'abanyaBuraya -Euro- imiliyoni imwe yashizwe muri iyo reresi nshasha. Ntibiramenyekana nimba Vaticano yoba ikurikirana ingene iyo mitahe itangwa. Amwe muri ayo mahera ava muri Peter Pence, igisata cegeranya imfashanyo itangwa n'abayoboke b'iryo shengero nk'uko vyandikwa n'ico kinyamakuru. Uko amahera yo mu kigega ca Peter Pence yakoreshejwe biracagirwako amatohoza na Vaticano ku kungene hatanzwe imitahe yo kugura amazu yo kugurisha mu gisagara ca Londres mu 2019. Mu 2020, ikinyamakuru ca The Financial Times canditse ko cashoboye kuronka impapuro zerekana ko Vaticano yashize amahera mw'itunganywa ry'ireresi ya Rocketman. Igihe gito inyuma y'aho iyo nkuru imenyekaniye, Papa François yasavye ko haba impinduka mu biraba ikigega i Vaticano, anaka ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ububasha bwo kugenzura amafaranga ya Ekleziya. Vaticano ibivugako iki? Vaticano ntiremeza ku mugaragaro ivyerekeye uwo mutahe washizwe mw'ireresi ya Rocketman. BBC yarasavye Vaticano kugira ico ibivuzeko, ariko nta nyishu iraronka gushika kuri ino saha turiko turandika iyi nkuru. Kubera ivyo, ntiharamenyekana ivyo Papa yoba azi ku bibazo vyerekeye amahera i Vaticano." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56428948 +entertainment Uyu mumenyeshamakuru iryinyo ryamukorokanye ariko arasoma amakuru "Burya uriko usoma amakuru ku mboneshakure ushobora gushikirwa n'ibintu bigoye kwitura - mu buhinga bw'ivyuma bikanka, canke ukaronka abashitsi utari witeguriye Ariko muri ino ndwi, Marichka Padalko asanzwe asoma amakuru ku mboneshakure ya Ukraine, yashikiwe n'ibintu mu Kirundi tuvuga ko ari ibisigabwenge, ikintu kitamenyerewe, aho rimwe mu menyo y'imbere ryamukorokana. Ariko rero, nk'umunyamwuga nyawe, afise uburambe, yaciye afata iryo ryinyo mu minwe, yigira uw'ejo arabandanya nk'uko umengo ntacabaye. Yanditse kuri Instagram ati: ""Mvugishije ukuri, nibaza ko ivyambayeko atawabibonye"". Yongeyeko ati: ""Ariko twariyibagije ivyo abariko baradukurikira boba bari babonye. Umupfasoni Padalko avuga ko yigeze kuja kwivuza iryinyo haciye imyaka hafi icumi inyuma y'aho umwana wiwe arikubiseko icuma. N'ubwo bitashotse bija kuri YouTube, uyu mupfasoni Padalko avuga ko yishimira ingene bamuteye intege Ati: ""Ibihe ivyo ari vyo vyose, shira umutima mu nda"" ""Ni ah'ejo mu gatondo""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53461996 +entertainment BBC Gahuzamiryango yibutse Johnny Clegg yaryamiye ukuboko kw'abagabo kuwa kabiri BBC Gahuzamiryango yibutse Johnny Clegg yaryamiye ukuboko kw'abagabo kuwa kabiri itariki 16/07/2019. Umviriza ibikuru bikuru vyaranze ubuzima bwiwe mw'ijwi rya Prudent Nsengiyumva. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49035315 +entertainment France: Joséphine Baker abaye umugore wa mbere w'umwirabure agiye gushirwa mu ntatemwa y'intwari "Umunyatugenegene w'umufaransa yavukiye muri Amerika Joséphine Baker agiye gushirwa mu kibanza c'intatemwa ca Panthéon i Paris, akazoba abaye umugore wa mbere w'umwirabure ahawe iki cubahiro. Reta ivuga ko Baker azoshirwa muri ico kibanza mu kw'icumi na rimwe. Panthéon ni ikibanza cahambwemwo Abafaransa babaye rurangiranwa, nk'umuhinga Marie Curie n'umwanditsi Victor Hugo. Baker azoba abaye umugore agize gatandatu, akaba n'umwiraburekazi wa mbere, azoba ashizwe muri ico kibanza c'intwari z'igihugu zababa 80. Baker yavukiye i St Louis muri reta ya Missouri mu 1906, yagiye kuba rurangiranwa mu makungu mu myaka ya 1930 amaze gushika mu Bufaransa kubandanirizayo ibijanye n'utugenegene. Hanyuma kandi, ari muri wa murwi warwanije aba Nazi (bazwi nk'aba Resistants) arwanira Ubufaransa nk'igihugu camureze, mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose, akaba yaranagize uruhara mu mihari yaharanira agateka ka muntu muri Amerika. Mu kumushira muri ico kibanza c'intatemwa ca Panthéon ni ukwerekana ko igihugu gikenguruka uruhara yagize mu tugenegene twiwe hamwe n'ubutwari yagize mu rugamba rwo kurwanya bikomeye aba Nazi b'abadagi mu gihe c'intambara. Mu gihe ikiziga ciwe kizoguma aho yahambwe i Monaco, azohabwa icubahiro ku wa 30 z'ukwa cumi na rimwe, aho azokwubakirwa icibutso gifise icapa ciwe, nk'uko umwe mu bana biwe, Claude Bouillon-Baker, yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP. Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yemeje iyinjizwa rya Baker muri ico kibanza inyuma y'isekeza ryari rirongowe n'umuryango wiwe hamwe n'urwandiko rwateweko igikumu n'abantu hafi 38.000. Mu 2013, niho umuryango wa Baker watangura gusaba ko yokwinjizwa muri ico kibanza, ariko umukuru w'igihugu wenyene niwe ashobora gutanga uburenganzira ku bategerezwa kucinjizwamwo. Mu gushimira umukuru w'igihugu, umushikiranganji wa reta Agnès Pannier-Runacher avuga ko Baker yari ""umugore akomeye yakunze Ubufaransa"". Umwe mu bari muri iri sekeza, Jennifer Guesdon, avuga ko iyi ngingo gitumye Baker amenyekana, mu gihe ""abantu bari ku rushi gusa ari bo bari bazi ko ari umuntu rurangiranwa kw'isi"". Baker yatanguye kumenyekana cane mu biteramo yakunze gukora mu myaka ya 1920 na 1930 vyatumye abantu bamukunda cane kubera intambo ziwe yabaryohera. Ariko rero, ivyo yakoze mu gihe c'intambara vyatumye agira ijunja mu Bufaransa, bituma ahabwa ubwenegihugu bw'Ubufaransa amaze kwubaka urwiwe n'umugabo yakora mu mahinguriro, Jean Lion mu 1937. Baker yarakoresheje ubwamamare bwiwe mu kwegeranya amakuru ku bikorwa vy'ingabo z'abadagi yashikiriza, abicishije mu muziki. Mu buzima bwiwe bwose, Baker yari umwe mu bantu bakomeye cane barwanije ivangura rishingiye ku rukoba. Mu 1963, yarifatanije n'abandi mu myiyerekano yabaye i WAshington ari kumwe n'umukuru w'abaharanira uburenganzira bw'abirabure Martin Luther King Jr, igihe ashikiriza rya jambo ryabaye rurangiranwa hose ""I Have a Dream"" (mfise indoto/inzozi). Baker yasandavye mu 1975, ahabwa icubahiro ca gisirikare mu Bufaransa umusi wo kumushingura." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58314008 +entertainment Rehema Muthamia, umwongerezakazi akomoka muri Kenya yatsinze ihiganwa rya Miss England Rehema Muthamia, umwongerezakazi akomoka muri Kenya ariko aravugwa cane mu Bwongereza inyuma y'aho atahukaniye intsinzi mw'ihiganwa rya Miss World England 2021, akaba agiye guserukira iki gihugu mw'ihiganwa Miss World 2021. Muthamia, aba ahitwa Mill Hill yatsinze abandi 42 bari kumwe muri iryo higanwa rya Miss England 2021, mu birori vyabereye mu gisagara ca Coventry, ku wa 27 z'ukwa munani. Muthamia azoba aserukiye ibendera ry'Ubwongereza mw'ihiganwa Miss world rizobera mu gisagara ca San Juan muri Puerto Rico, hazoba ari ku wa 16 z'ukwa cumin na kabiri. Muthamia yavukiye mu Bwongereza ku bavyeyi bompi b'abanya-Kenya, imyaka yo mu bwana bwiwe ayimara muri Kenya. Mu nyuma yahavuye asubira mu Bwongereza aho abana na inakuru wiwe mu karere ka Luton Bedfordshire. Muthamia avuga indimi zine, akaba atamba n'imiziki yo mu bwoko bwa salsa na bachata. Mu kwa kabiri uno mwaka, yatsinze ihiganwa ryiswe Miss All African Colours England, ihiganwa ryatangujwe mu ntumbero yo gukomeza ubutandukane mw'ihiganwa rya Miss England. Iri higanwa rishasha ryatangujwe na Miss England, mu ntumbero yo kwifatanya na rya sekeza ryo kurwanira agateka k'abirabure ryatanguzwa muri Amerika, Black Lives Matter, mu buryo bwo kwishimira iragi rikomeye ry'umukenyezi mu Bwongereza. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58418015 +entertainment Trump yasinye ibwirizwa 'ribangamiye Twitter', yo yanyegeje ubutumwa bwiwe "Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yasohoye ibwirizwa rigabanya uburenganiza bumwe bumwe bw'ukudahangarwa buhabwa imbuga hwaniro. Iryo bwirizwa ritanga uburenganzira ku bagenzuzi bwo gufatira ingingo amakompanyi amwe amwe nka Facebook na Twitter kubera ukungene zigenzura ibica ku mbuga zazo. Igihe yariko atera umukono kuri iryo bwirizwa, Perezida Trump yagirije imbuga hwaniro ko zifise ""ububasha kanaka zitategerezwa kugira"". Inyuma gato yo gutangaza iryo bwiriza Twitter yacciye inyegeza ubutumwa Trump yari amaze gutangaza ku biriko bibera i Mineapolis. Hagati aho iryo bwirizwa rishobora guhura n'ibibazo bishingiye ku mategeko. Bwana Trump - asanzwe akoresha kenshi Twitter - amaze igihe yagiriza imbuga hwaniro ko ziburabuza canke zigerageza kuburizamwo amakuru amwe amwe benezo badashaka. Ku munsi wa gatatu, Bwana Trump yaragirije Twitter ko yivanga mu bijanye n'amatora. Ni inyuma y'aho ikoreye umwihwezo ku mwa tweet abiri yari ahejeje kwandika. Bwana Trump muri iki gitondo yanditse kuri Twitter avuga ku biriko bibera muri Minneapolis.Ubutumwa Twitter yaciye ibunyegeza, ivuga ko burimwo amajambo ateye kubiri n'amategeko ngenderwako ya Twitter abuza guhamagarira imigumuko. Ubwo butumwa ariko burashobora gusomwa n'umuntu abanje kubufyondako. Abahinga muvyo amategeko, bavuga ko inama nshingamateka ya Amerika canke abajejwe ubutungane bategerezwa kugira uruhara mu guhindura amategeko ajanye no gukingira izi mbuga. Iryo bwirizwa ritanga umuco kuri bimwe bimwe biri mw'itegeko, Communications Decency Act, rikingira imbuga nka Facebook, Twitter na YouTube mu bihe bimwe bimwe. Mu ngingo ya 230 y'iryo tegeko, imbuga hwaniro ntizibazwa ivyandikwa n'abazikoresha, ariko ko ""ku gatima keza"" zishobora gukurako amajambo amwe amwe ateye isoni, yifatira mu gahanga abantu canke agumura. Iryo bwirizwa yateyeko igikumu, rihamagarira inama nshingamateka ""gufuta canke guhindura ingingo ya 230"" kandi rikavuga ko ubwo budahangarwa budakwiye gukora mu gihe izo mbuga ziramutse zihinduye ivyanditswe n'abazikoresha. Rivuga kandi ko ubwo budahangarwa budakwiye gukora iyo izo mbuga zihaye kuzibira bimwe mu bizicako, harimwo mbere n'ugufuta ama tweet y'abantu ku mvo zitandukanye n'amategeko ngenderwako y'urubuga ngurukanabumenyi. Bamwe babona ko izo mbuga hwaniro zishaka kwifata nk'ibinyamakuru aho kwifata nk'imbuga zihuza abantu. Mu bindi biri mw'iryo bwirizwa, rihamagarira urwego rujejwe guhanahana amakuru rwa Amerika kwerekana neza ingene izo mbuga zishobora kurengera akarimbi iyo zihaye gufuta ivyanditswe na bene kuzikoresha. Risaba kandi ko ibiro vy'umukuru w'igihugu vyosubira kuronswa ubuhinga bwo kwakira imyidogo y'abanyagihugu mu gihe babonye ko izo mbuga hwaniro zabarenganije. Ukutumvikana hagati ya Bwana Trump n'imbuga hwaniro kumaze igihe, ibintu bikaba vyagiye gusubira kwunyuka ku wa kabiri w'iyi ndwi, aho ama tweets abiri akorewe umwihwezo na Twitter ku ncuro ya mbere. Vyamuteye ishavu, bituma ku munsi wa gatatu agabisha ko ashobora gufata ingingo yo ""gukontorora cane"" imbuga hwaniro. Urubuga rwa Twitter ruvuga ko iryo bwirizwa rifise intumbero za politike, rukorenga ko y'uko ingingo ya 230 ""ikingira uburenganzira bw'Abanyamerika bw'ugushikiriza ivyiyumviro vyabo, kandi ko buri mu biranga intwaro rusangi"". Eka na Google ariyo nyen'urubuga rwa YouTube, ivuga ko guhindura ingingo ya 230 ishoroa ""guhungabanya ubutunzi bwa Amerika be n'uruhara ifise mu gutsimbataza uburenganzira bw'ugukoresha imbuga ngurukanabumenyi""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52847070 +entertainment Vladimir Putin: Imyaka 20 mu mafoto 20 "Vladimir Putin ari mu gukwiza imyaka 20 ayoboye igihugu ciwe nk'umukuru w'igihugu hamwe n'umushikiranganji wa mbere, acengacengana na politike y'akarere n'isi hamwe n'imanza zikomeye z'amahiganwa y'inkino Bill Clinton yari umukuru w'igihugu igihe uyu mugabo yahoze akorera KGB yaba umukuru w'igihugu ku nshuro ya mbere itariki 31 z'ukwa cumi na kabiri 1999. Mu myaka 20 kuva ico gihe, haragiyeho abandi bakuru b'ibihugu 3 muri Amerika n'abashikiranganji ba mbere 5 mu Bwongereza. Kuva ku mishamirano yo ku rwego rw'isi n'amahano mu gihugu ciwe gushika ku ntsinzi z'inkino n'amasanamu ya propanganda, turaraba amafoto yaranze imyaka 20 y'ubutegetsi bwa Putin. Bwana Putin, yahoze ari umukozi w'urwego rw'iperereza, KGB, yari yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere igihe Uburusiya bwatanguza intambara ya kabiri yo muri Chechenie mu kwa cumi 1999, mu kwishura ku bitero vy'ibisasu ku magorofa atuwe n'abantu hagapfa benshi. Intango y'ubutegetsi bwiwe yaranzwe n'ugushamirana mu bumanuko bw'Uburusiya. Abasirikare b'Uburusiya bugarije umurwa mukuru wa Chechenie, Grozny. Mu 2003, ONU yavuze ko Gorzny wari wo muji wasambuwe kurusha iyindi kw'isi mu mpera z'ukwo kwugarizwa. Uburusiya bwamaze imyaka buterwa n'abarwanyi, nk'igitero co mu 2004 kw'ishure rya Beslan aho abantu 330 bapfuye, bagizwe ahanini n'abana. Prezida Putin ntiyahagaritse imirwano icese muri Chechenie gushika mu 2009. Bwana Putin yemejwe nk'umukuru w'igihugu mu matora mu kwa gatatu 2000, kandi mu mezi make gusa yari kw'isonga mu bibazo bijanye no kwimenyekanisha. Amahano y'ubwato bugira munsi y'amazi bwa Kursk, yahitanye ababukoramwo bashika 118. Igihe Kursk bwarohama mu 2000, vyatwaye iminsi kugira Uburusiya bubimenyeshe imiryango kandi Prezida ntiyaciye atahuka ava mu karuhuko kuri Black Sea. Mu myaka cumi yiwe ya mbere ku butegetsi, Vladimir Putin muri rusangi yabanye neza n'abarongozi b'ibihugu vya Buraya na Amerika naho yagaya politike zabo mu makungu. Uburusiya bwakiriye inama y'ibihugu vya rutura G8 mu 2006, bwemanga ubunyamuryango bwabwo muri uwo mugwi. Hakurikijwe ibwirizwa shingiro ry'Uburusiya, Bwana Putin ntiyashobora kuguma ku butegetsi ikiringo ca gatatu, rero mu 2008 yaciye aba umushikiranganji wa mbere imyaka ine. Ni bake babona Prezida Dmitry Medvedev nk'umukuru w'igihugu abushitse kuko vyagaraga ko yari abaye agumirije ikibanza Putin. Igihe Georgia yarungika abasirikare gusubiza ibintu mu buryo mu ntara yari yiyonkoye ya Ossetia y'ubumanuko mu 2008, Uburusiya bwaciye butera Georgia. Iyo ntambara ngufi yo mu kwezi kwa munani yateye impungenge ibihugu vya Buraya, ariko ivyo Uburusiya bwakoze muri Ukraine mu 2014 ni vyo vyunyuye imigenderanire ya Bwana Putin n'Uburaya. Gufata no kwigarurira intara ya Crimea vyakozwe n'Uburusiya bukayikura kuri Ukraine vyatumye ishirahamwe rya Buraya na Amerika bifata ibihano binahagarika ubunyamuryango bw'Uburusiya muri G8. Haciye imyaka ine intambara yo muri Siriya itanguye, Uburusiya bwarayinjiyemwo gufasha incuti yabwo, Prezida Bashar al-Assad, mu gihe leta yiwe yagira itembe. Ingingo ya Bwana Putin yo kurungika indege z'Uburusiya hamwe n'ibiduga bitamenwa yahinduye ibintu cane ku rubuga. Nyuma y'intsinzi ya Donald Trump mu matora ya Prezida wa Amerika mu 2016, abajejwe iperereza muri Amerika bavuze ko Uburusiya bwayivanzemwo. Nayo mu 2018, Ubwongereza bwagiriza Uburusiya kuroga uwahoze ari umusirikare mu rwego rw'iperereza Sergei Skripal i Salisbury. Mu burongozi bwiwe umukuru w'igihugu c'Uburusiya yamye ashaka kugaragara neza kwiwe n'igihugu ciwe. Mu mafoto yiwe yagiye arasohora yamye agerageza kwiyerekana nk'umugabo w'igikenya. Yarakoze uko ashoboye ngo aheshe isura nziza inkino mu Burusiya mu kwakira inkino Olempike zo mu gihe c'imbeho mu 2014 hamwe n'igikombe c'isi c'umupira w'amaguru mu 2018. Inkino z'i Sochi zagenze neza ariko ingaruka zo gukoresha imiti yongera inguvu ziracibonekeza gushika n'ubu. Ikigo kijejwe kurwanya ikoreshwa ry'iyo miti kw'isi (World Anti-Doping Agency) cahaye igihano Uburusiya co guhagarikwa kuja mu mahiganwa imyaka ine. Icegeranyo co mu 2015 cavuze ko Uburusiya bwakoze ibisa n'ivyabereye ku rwego rwa leta, mu guha abononotsi basiganwa mu kwiruka imiti yongera inguvu. Kuno kwezi basanze harabaye ""gukorakora"" ku bimenyetso vyatanzwe muri laboratoire. Mu gihe inkino z'igikombe c'isi ca Fifa 2018 zagenze neza ku rwego mpuzamakungu, ibara ryo gukoresha imiti yongera inguvu ryatumye Uburusiya butazokwitaba inkino z'igikombe gikurikira, zizobera i Qatar mu 2022." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50815428 +entertainment Harvey Weinstein yahamwe n'icaha c'uguhohotera mu gusambanya umuntu "Harvey Weinstein yahamwe n'icaha co guhohotera umuntu mu kumusambanya, ica iba ""iyindi ntambwe mu manga"" kuri uyu mugabo yahoze ari rurangiranwa i Hollywood. Ni intsinzi kandi ku batanguje isekeza ryamenyekanye hose nka #MeToo rirwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina. Weinstein w'imyaka 67 yahamirijwe icaha mu muji wa New York ku rugero rwa gatatu rwo gusambanya ku nguvu hamwe no ku rugero rwa mbere mu guhohotera bifatiye ku gitsina. Ariko yejejwe ku caha gikomeye gusumvya, ico naco akaba ari icaha cokwitiranywa no kuba ""umuhigi ahiga abo ahohotera bifatiye ku gitsina"". Ashobora kuzopfungwa imyaka 25. Aracakurikiranwa mu muji wa Los Angeles ku caha co guhohotera abagore babiri mu 2013. Abagore bashika ku 80 nibo bamwagirije kubitwarako nabi mu buryo bwo gushaka kubasambanya badashaka, ibintu vyakozwe mu myaka myinshi iheze. Muri abo bamwagiriza harimwo abakinyi b'amareresi Gwyneth Paltrow, Uma Thurman na Salma Hayek. Uyu mutegetsi mu ruganda rw'amareresi yarigeze kuba akomeye cane anahingura ireresi zatsindiye udushimwe dukomeye nka Pulp Fiction, Good Will Hunting, The King's Speech na Shakespeare in Love." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51622978 +entertainment Wendy Kemunto: Umuziki umwibagiza amagorwa yabonye igihe afatwa ku nguvu n’abagabo babiri "Umuririmvyikazi w'umunya Kenya, Wendy Kemunto, yahisemwo kuririmba indirimbo yise ""Huru"" mu ntumbero yo guhimiriza abakenyezi kwubahuka gushengeza ababakoreye ivya mfura mbi. Ni inyuma y'aho afatiwe ku nguvu n'abagabo babiri umunsi yari aramutse ahimbaza ivuka ryiwe. Kubwa Kemunto, ingorane nyamukuru mu rugamba rwo kurwanya ingeso y'ugufata ku nguvu muri Afrika ari uko abantu badatahura ibijanye n'umwumvikano. Kemunto avuga ko abamufashe ku nguvu babanje kumuha ibiyayuramutwe, maze ata ubwenge muri iryo joro yari aramutse ahimbaza ivuka ryiwe mu mwaka wa 2018. Ati: ""Maze gushika muri iyo nzu, ndibuka ko hari ikintu nanyoye, kuva ubwo sinasubiye kumenya ivyakurikiye, naciye nta ubwenge, naryamye ntazi iyo ndi"". ""Ndemeza ko bampaye ibiyayuramutwe, kaba akaryo kuri bo ko kunkorera ivya mfura mbi"". Kemunto avuga ko ivyo yakorewe vyamutumye abura amahoro, arihebura, bituma ahitamwo kwinumira mu mwanya muto. ""Nico gituma nafashe ingingo yo kutavuga ivyambayeko canke kubandanya ndavyiyumvira, gushika haciye ikiringo c'ukwezi, ariho numva narengewe, mbabaye ku mutima no ku mubiri kubera amabi nakorewe"". N'umwiheburo mwinshi, yafashe ingingo yo kubicisha ku mbuga ngurukanabumenyi, atangura kumenyesha ivyamubayeko. Ati: ""Abantu benshi vyarabakoze ku mutima, bamwe barampoza, ariko abandi nabo barantyekeza"". Yahavuye afashwa n'abagiraneza, harimwo abakenyezi bahurikiye mw'ishirahamwe ry'abakenyezi b'abahinga mu mategeko FIDA, baramufasha kwitwarira abamukoreye ayo mabi. Urubanza rwagiye kurangira mu mwaka uheze abagirizwa bakubiswe intahe mu gahanga bacirirwa umunyororo w'imyaka 15. Yarumvise ko atunganirijwe ariko vyaramukomerekeje ku mutima. Ati: ""Jewe nk'umuririmvyi, vyarangiriye ingaruka mbi mu mwuga wanje, kubera hari vyinshi yagiye atakaza kubera uburemere bw'ivyari vyamubayeko"". ""Niho kugira ngo mfashe guhimiriza abandi, naririmvye ururirimbi nise 'Huru' (ndidegemvya), ncishamwo ubutumwa, nkaba nashatse kuvugira abakenyezi badafise aho bavugira, bacitse intege, bumva ko ata muntu n'umwe abemera, kuko si benshi bemera ivyambayeko"". Avuga ko abakenyezi bakorewe ivya mfura mbi batoroherwa iyo bituye inyamiramabi, aho gufata umwanya bakiga ivyemezo kugira ngo zimenye ukuri, nk'uko vyagenze kuri we. Ati: ""Akenshi n'aho utoba wamaze kwoga, ugaca ugenda ku gipolisi ubwo nyene uhejeje gukorerwa ivya mfurambi, igipolisi ntikigufata nk'uko categerezwa kugufata"". ""Usanga ivyo uvuga batabiha agaciro, bakakwagiriza ko ahubwo ari wewe uri mu makossa"". Kemunto asaba ko uwakorewe amabi yofatwa mu mugongo, agahumurizwa kugira ngo ashobore gusubira mu buzima busanzwe inyuma y'amabi yakorewe. Asaba kandi ko hoba inyigisho kuva ku bato gushika kubakuze kugira ngo batahure ko ubwumvikane ari ikintu nyamukuru. ""Ndizeye ko mu gihe twotangura kwigisha abana mu miryango no mu kibano, hoba akarusho kanini cane mu gihugu ku kungene dufata abakenyezi, n'ingene n'abagabo nabo nyene bofatwa kuko no muri bo harimwo abahura n'ayo mahano"". ""Iyo umukenyezi/umukobwa avuze ati 'oya', ni oya, avuze ati 'ego', ni ego""." https://www.bbc.com/gahuza/51435053 +entertainment Imvo n'Imvano kuri films zikinirwa mu Burundi Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 ukwezi kwa gatandatu mu 2021. Muri iki kiganiro turabira hamwe ivyerekeye ama film, abandi bita cinema, akinirwa mu Burundi. Mu ntango y'uku kwezi, ku ncuro ya 12 ishirahamwe FESTICAB (Festival International du Cinéma et de l'Audiovisuel du Burundi) ryaratunganije ihiganwa ry'ama film mpuzamakungu na kavukire ryamaze imisi umunani. Filme zose zahiganywe zari 54, hakaba haranatanzwe n'ubushimwe butandukanye. Icibonekeje n'uko, n'aho hakiri ibibazo vyinshi, hariho ishaka ku barundi benshi na cane cane ku rwaruka ryo guhurumbira kwandika no gukina ama filime. Abasanzwe bakina amafilime barishize hamwe bagira n'ishirahamwe bahurikiyemwo bise COPRODAC (Collectif des Professionnels pour le Développement de l'Audiovisuel et du Cinéma). Cinema y'umurundi yamenyekanye cane no ku rwego mpuzamakungu ni Gito, yaronse ubushimwe bwinshi cane butandukanye no mu bihugu bitandukanye, ikaba yanditswe na Léonce Ngabo, isohoka mu 1992. Ubu Léonce Ngabo ariko arahumura, ariko hari abasore n'inkumi bashaka kumukorera mu ngata. Bazobishobora? Habura iki kugira Uburundi buje ku rwego rw'ibindi bihugu dusangiye akarere mu vyerekeye amafilime? Hokorwa iki kugira abakinyi b'amafilme bashike kure? Igihugu cohungukira iki? Ivyo ni vyo bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro. Muri kino kiganiro rero twari kuba hamwe na Batungwanayo Richard ajejwe igisata c'akaranga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y'akarere ka Afrika y'ubuseruko (EAC), ariko ntiyitavye. Turi kumwe na Léonce Ngabo yashinze akaba ari na we anarongoye ishirahamwe FESTICAB, akaba ari umwanditsi n'umukinyi wa filime. Diane Kaneza arongoye ishirahamwe COPRODAC, akaba yananonosoye ivyigwa bijanye na cinema, akaba mbere ari na we yatahukanye agashimwe ka mbere k'ihiganwa rya mbere rya FESTICAB. Hanyuma kandi turi kumwe n'umwigeme Fanny Faxine Uwimana aheruka kuronka agashimwe k'umukinyi mwiza muri filime yiwe yise Urugendo. Muri studio za BBC i Nairobi mukaba mugiye kuba hamwe na Cyriaque Muhawenayo. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57513354 +entertainment Faustin Twagiramungu ariyama abamwiyitirira kuri Twitter Uyu munsi umunyapolitiki w'Umunyarwanda, Faustin Twagiramungu, utuye mu Bubiligi, yaduhamagaye atubwira ko hari abafunguye konti ku rubuga nkoranyambaga rwa Twitter bamwiyitirira. Ngo muri zimwe mu nkuru ziyiriho harimo ivuga ko yamagana BBC Gahuzamiryango ngo kubera ko ari abahemu bateranya. Twagiramungu yatubwiye ko iyo nkuru ari ikinyoma kirimo gukwizwa n'abantu ataramenya. Bwana Twagiramungu yavuganye na Jacques Niyitegeka, atangira amusobanurira uko yabimenye. (Ushobora kumva ikiganiro bagiranye aho hejuru) https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54486359 +entertainment Australia: Indirimbo z'inyoni zasumbije ibihangange mu muziki "Urukurikirane rw'umuziki (album) rugizwe n'amajwi y'inyoni zigeramiwe no kuzimangana zizwiragira muri Australia rwashizwe muri zitanu za mbere ku rutonde rwa Aria muri ico gihugu. Uru rukurikirane rwiswe Songs of Disappearance (twogereranya n'Indirimbo z'izimangana ) rwasumbije ibihangange nka Abba na The Weeknd - tutavuze abaririmvyi Michael Bublé na Mariah Carey bakunzwe cane mu ndirimbo za Noël/Christmas. Uru rukurikirane rwakozwe n'ikompanyi BirdLife Australia rurimwo indirimbo z'inyoni ziri mu bwoko 53 bugeramiwe no kuzimangana gusumba ubundi muri Australia. Mu kwegeranya aya majwi, vyafata amasaha atari make barindiriye mw'ishamba kugira ngo bashobore gufata akajwi kamwe gusa. David Stewart asanzwe afata amajwi y'ibikoko vyo mw'ishamba, yari amaze imyaka irenga 30 yose yegeranya amajwi y'ibikoko vyo mw'ishamba adakunze kwumvikana muri Australia. Amajwi y'inyoni yashoboye gufata niyo yakoreshejwe mu gutegura uru rukurikirane. Igihe rusohoka, hari ku wa 03 z'uku kwa cumi na kabiri, haciye haba isekeza ku mbuga hwaniro kugira ngo uru rukurikirane rushobore kugurishwa mu ndirimbo za Aria - kandi ryagenze neza. Songs of Disappearance rukoze amateka adasanzwe mu kuba urukurikirane rwa mbere rw'ubu bwoko rushizwe mu ndirimbo zitanu za mbere. Amafaranga azova mw'igurishwa ryarwo azoshirwa mu mugambi wo kubungabunga ibidukikije w'ikigo BirdLife Australia. Umuyobozi nshingwabikorwa wa BirdLife Australia, Paul Sullivan, yabwiye ikimenyeshamakuru The Music Network ati: ""Uru rukurikirane ni ikintu kidasanzwe, rurimwo amajwi y'inyoni zishobora guhona mu gihe tutoja hamwe ngo tuzikingire"". Yongera ko ati: ""N'ubwo iri ari isekeza ryo kwinezereza, harimwo ibintu bikomeye mu vyo turiko turakora, kandi biratera intege kubona ingene abakunda inyoni bariko barereka amareta n'abikorera utwabo ingene abanya-Australia bitwararitse izi nyoni ngirakamaro"". Ica gatandatu c'inyoni za Australia zirageramiwe no guhona, nk'uko biri mu cigwa cakozwe n'ishure kaminuza Charles Darwin University - ni ukuvuga ubwoko bw'inyoni 216 mu bwoko 1299. Iki cigwa, cakozwe n'abahinga mu bijanye n'inyoni barenga 300, cerekana ko ihindagurika ry'ibihe ririko riratuma ubwoko bwinshi bugenda buzimangana. Imiriro y'ivyaduka yo mu 2019 na 2020 yarasambuye aho zari zisanzwe ziba, BirdLife Australia ikavuga ko igitigiri c'ubwoko bw'inyoni zigeramiwe no guhona ciyongereye gushika ku rugero rwa 25%." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59679015 +entertainment Nta Mwuga Udakiza: BBC iganira n'umunyamideli Girumuco Téline Féerie Nta Mwuga Udakiza ni ikiganiro BBC Gahuzamiryango yageneye urwaruka rwihangira imirimo mu bisanzwe itamenyerewe. Muri iki kiganiro, Cyriaque Muhawenayo aganira n'umunyamideli Girumuco Téline Féerie. Nta Mwuga Udakiza ni ikiganiro c'uruhererekane (Series) kizajya gihita kuri radio buri wa gatatu, no ku rubuga rwa BBC Gahuzamiryango. BBC Gahuzamiryango ihaye ikaze ibitekerezo vyanyu kuri iki kiganiro. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59436727 +entertainment Mireille Kamikazi, umushakashatsi arwanya indwara zandukira nk'igituntu Mireille Kamikazi, Umurundikazi aba muri USA akora ubushakashatsi ku ndwara zandukira nka Sida, igituntu n'izindi... Aha yiganirira BBC ingene yashitse kuri urwo rwego. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57906272 +entertainment US: Umwishongozi Maya Angelou abaye umwiraburekazi wa mbere ashizwe kw'ifaranga "Igisata kijejwe ikigega ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cakoze ibiceri biriko umwishongozi (poet) Maya Angelou - uyu akaba ari we mwiraburekazi wa mbere ashizwe ku kingorongoro c'isenti 25 ca Amerika, kizwi nk'ikuta (quarter). Angelou, umwishongozi akaba yarahanira agateka ka zina muntu, ni we yabaye umugore wa mbere w'umwirabure yanditse amazina y'ubuhizi yongera arayivuga mu birori vyo kwimika umukuru w'igihugu. Ibiceri vyategekanirijwe abandi bagore bakoze ibidasanzwe, nka kimwe mu mugambi wa Amerika wo gushira ku biceri abagore bagize ico bamara muri kahise wiswe American Women Quarters, AWQ. Iyi ngingo yarashimishije cane umunyamabanga wa mbere w'umugore muri ico gihugu ajejwe ikigega. Janet Yellen agira ati: ""Igihe cose dusubiyemwo ifaranga ryacu, dufite amahirwe yo kugira ico tuvuga ku gihugu cacu - ico duha agaciro, ndetse n'uko twagiye dutera intambwe nk'umuryango"". Angelou - umwanditsi akongera akaba n'uwaharanira agateka ka zina muntu - yasandavye mu 2014 afise imyaka 86. Yagiye kumenyekana cane igihe yandika kahise k'ubuzima bwiwe mu 1969, mu gitabo yise I Know Why the Caged Bird Sings (twogereranya na Ndazi igituma inyoni iboshe iririmba), aho yavuga ku buzima bwiwe akiri umwana mu karere ka Deep South. Yahawe impapuro z'umutsindo z'icubahiro zitari nke akaba yanditse ibitabo birenga 30 vyaguzwe cane. Mu 2010, yahawe umudari w'iteka wa Prezida, ( Presidential Medal of Freedom ) - agashimwe ka gisivire karengeye ubundi bwose muri Amerika - yahawe na Barack Obama. Iki giceri gishasha cerekana Angelou yuguruye kandi aramvuye amaboko. Inyuma yiwe hari inyoni iguruka n'izuba riserutse, ibimenyetso vyiwe ""nk'umwishongozi n'ingene yabayeho"", nk'uko bivugwa n'igisata kijejwe ikigega ca Amerika. Uruhande rw'imbere rw'iki kingorongoro rwerekana igishusho ca George Washington, umukuru w'igihugu wa mbere wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ikigo kijejwe gukora amafaranga (US Mint) gitegekanya gukora ibiceri bindi 20 vy'amakuta mu myaka ine iri imbere, bizokwerekana abandi bagore ba Amerika bagize uruhara rudasanzwe muri kahise k'igihugu. Muri kino gihe, imigambi yo gusubiriza Perezida Andrew Jackson ku noti y'amadorari 20 ikamusubiriza n'umwiraburekazi Harriet Tubman yarwanije ubucakara - yanakijije abantu bari bagizwe abacakara abicishije mu ciswe Underground Railroad - iracariko iratunganywa. Si abagore benshi bagize uruhara muri kahise bagiye bashirwa kw'ifaranga rya Amerika." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60006645 +entertainment Andrew Forrest: Umutunzi ruhebwa agiye kuburanya ikigo Facebook "Umutunzi ruhebwa w'umunya Australia yashengeje ikigo Facebook yemeza ko cakoze icaha co kunanirwa gukinga ubutumwa butari ubw'ukuri bwo kwerekana ibidandazwa hakoreshejwe ifoto yiwe. Andrew Forrest avuga ko Facebook yarenze ku mategeko ahana gutunga amafranga adaca mu nzira z'ukuri mu gukwiragiza ifaranga rikorera ku mihora ya internet bita cryptocurrency. Yavuze ko bubaye ubwambere Facebook ishengejwe ku caha nk'ico kw'isi. Ikigo Meta gifise facebook ntaco cavuze ku majambo ya Forrest ariko cashikirije ko ciyemeje gukura abo bantu ku mbuga zaco. Dr. Forrest asanzwe ari umuyobozi mukuru w'ikigo cimba ubutare Fortescue Metals, yemeza ko Facebook ""yakoze icaha co gufata ibintu minenerwe"" mu kutagwanya bikomeye ubutumwa butari ubw'ukuri, bwatanguye kwibonekeza mu ntango yo mu 2019. Abatanga ubutumwa bw'ubudandaji butaribwo kuri internet bakoresheje ifoto yiwe - n'ayandi y'abantu bazwi cane kw'isi - mu gukabura abashora imitahe babemerera kuronka ubutunzi. Naho ikigo facebook cabujije abakwiragiza ubutumwa nk'ubwo, hari bwinshi bukiboneka kuri uwo muhora. Dr Forrest yongeye avuga ko yandikiye ikete ryuguruye umuyobozi wa Facebook Mark Zuckerberg mu kwezi kwa 11 mu 2019, amusaba gufata izindi ngamba. Uyo mutunzi ruhebwa mu gisata c'ubutare yagize ku musi wa kane mu rwandiko yasohoye ati: ''Mfise amakenga y'abantu b'abanya Australia bariko barahendwa n'ababakabura ku butumwa buca ku mihora ngurukana-bumenyi''. Yongeye agira ati: ''Ndiko mvugira abanya Australia ariko biriko biba kw'isi yose''. Urwo rubanza ruzosasa muri sentare iri mu burengero bwa Australia italiki 28 z'ukwa 3. Nirwagenda neza ikigo Facebook gishobora kurihishwa amafranga canke gisabwe guhindura ingene kumenyekanisha ibintu bikorwa. Dr Forrest yarungitse n'urwandiko rw'ukuburanya muri Amerika muri Leta ya California, ahasanzwe hari ikigo gikuru ca Facebook. Ikinyamakuru The Australian cavuze ko muri urwo rwandiko rw'ukuburanya Facebook, yemeje ko ""isanzwe izi inyungu ikura"" muri uru rukurikirane rw'abatanga ubutumwa kuri internet butari ubw'ukuri kandi biteye kubiri n'amategeko. Kivuga bimwe mu biri mu nyandiko zo kuburanisha, ico kinyamakuru cavuze ko Forrest yashikirije ko umwe mu batakaje amafranga yabo muri Australia yavuze ko yatakaje amadollar ibihumbi 670, bitewe n'uko Facebook yateye intege abatanga ubutumwa butaribwo. Mu rwandiko yarungikiye ibinyamakuru, Facebook yavuze ko ubutumwa butari ubw'ukuri bwo kuri internet buteye kubiri n'amategeko yayo. Uwuserikiye Meta yagize ati: ''Dukoresha uburyo bwinshi mu guhagarika ubutumwa butaribwo bwo kuri internet, ntidukora gusa mu gutahura no guhagarika ubutumwa nk'ubwo, ahubwo turanabahagarika ku mihora yacu, tukabajana muri sentare mu gihe tuguma dukomeza amategeko yacu''." https://www.bbc.com/gahuza/60243961 +entertainment Uwutembereza Bulldog za Lady Lady Gaga yarashwe nazo ziribwa "Imbwa zibiri zo mu bwoko bwa bulldog zo mu Bufaransa za Lady Gaga zaribwe ku wa gatatu, inyuma y'aho umuntu yitwaje inkoho arasiye uwari asanzwe azitembereza i Hollywood muri Los Angles. Umugabo akekwa yarasishije inkoho yo mu ntoki uwutembereza imbwa, w'izina rya Ryan Fischer nk'uko biri mu binyamakuru vyo muri Amerika, imbere y'uko atungwa n'ayo yameze n'izo mbwa. Uwarashwe yajanywe kwa muganga atawuzi uko amerewe, nk'uko igipolisi ca Los Angeles cabibwiye BBC. Lady Gaga yemeye agashimwe k'uwomugarukanira imbwa ziwe, Koji na Gustav. Bulldog igira gatatu, yitwa Miss Asia yarirutse mu nyuma itorwa n'abapolisi. Gaga, ubundi izina ryiwe ry'ukuri ari Stefani Germanottay, ubu ari i Roma akora cinema nshasha ya Ridley Scott,Gucci. Uwumuserukira ku binyamakuru yavuze ko umuntu wese yoba afise inkuru y'ahoba hari izo bulldog yobimenyesha kuri email KojiandGustav@gmail.com ata ''bibazo bibajijwe"". Igipolisi ca Los Angeles cemeje ko kiriko kirarondera umuntu ''ashobora kuba yikekwa'' yavuye aho vyabereye mu muduga wera mw'ibarabara rya North Sierra Bonita Avenue aja Hollywood Boulevard. Ntibizwi neza niba imbwa za Lady Gaga zari zigambiriwe vy'umwihariko muri ico gitero. Bulldog zo mu Bufaransa n'ubwoko buronderwa cane muri Amerika, ikibunda kimeze neza kikaba kigurwa ama dolari 2000 ufatiye hagati na hagati. Gaga arazwi kuba akingira cane imbwa ziwe zamuherekeje mu birori vya American Music Awards no mu giteramo ciwe ca Super Bowl mu 2017. Imwe muri zo, Miss Asia, mbere go iranafise urubuga ruzwi kuri Instagram." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56203075 +health UK: Umuganga yankiwe gutanga amaraso 'kubera umugore wiwe ari umunyafrika' "Umuganga w'umunyakenya ari mu Bwongereza avuga ko hari itegeko ""ridafise ishingiro"" rimubuza gutanga amaraso kubera yubakanye n'umugore wiwe w'umunyakenya. Francis Gĩthae Murĩithi asaba ko aya mategeko ahinduka kugira ngo batere intege abirabure bumve ko nabo bashobora gutanga amaraso. Amategeko y'igisata kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, NHS, avuga ko kizira ku bantu bubakanye canke baryamana n'umuntu yiketswe ko ashobora kuba yararyamanye n'abantu bo mu bihugu birwiriyemwo umugera wa SIDA, harimwo ""ibihugu hafi vyose vya Afrika"", ko batanga amaraso. Dr Murĩithi, asanzwe ari umuhinga mu bijanye n'ivyo kuvyaza abagore hamwe n'indwara z'abagore mu karere ka East Midlands, avuga ko we n'umugore wiwe bamaranye imyaka indwi bubakanye kandi badaharikanye. Nk'umuganga, avuga ko yamye yipimisha kuva yubakanye n'umugore wiwe kandi ko ata mugera afise. Ariko avuga ko yabwiye y'uko ashobora gutanga amaraso mu gihe gusa umugore wiwe yopimwa umugera wa SIDA n'igisata kijejwe kwakira amaraso co nyene, canke naho bakabanza kumara ikiringo c'amezi atatu badakora amabanga mpuzabitsina. Avuga ko umugore wiwe yari amaze gupimwa n'abaganga b'igisata NHS igihe yari yibungenze, kandi ko atamugera bamusanzemwo, ariko igihe yashaka gutanga amaraso, yabwiwe ko ibi badashobora kubifatirako. Uyu Mukenya w'imyaka 38 ubu asanzwe aba mu karere ka Gamston, Nottinghamshire, afise amaraso adakunze kuboneka AB+, akavuga ati: ""Iyi ni inzitizi idafise ishingiro ku gikorwa co gutanga amaraso"". ""Mu gihe wankira abantu nkanje, hanyuma ukabandanya kuvuga ngo Abanyafrika ntibitabira ibikorwa vyo gutanga amaraso, bizotuma Abanyafrika tugira isura mbi kandi ari amategeko atatworohereza"". ""Sinshaka kuboneka ko nteye uruhagarara, ariko integuro ya NHS yo gutanga amaraso ikeneye gusubirwamwo kugira ngo ishobore kwakira abantu benshi"". ""Ndashima ko bariko barayisubiramwo, kuko ni nkenerwa ko umuntu arabwa ku giti ciwe"". Igisata NHS cama gitera akamo abirabure kugira ngo bashobore gutanga amaraso kuko hari amahirwe menshi y'uko usanga bafise amaraso y'ubwoko budakunze kuboneka. Kivuga ko kiriko kirihweza ikibazo ca Dr Murĩithi gifatiye ku bipimo vyakorewe umugore wiwe bagasanga nta mugera afise. Su Brailsford, umuhinga muri NHS, avuga ko amategeko asigura ko abantu kanaka bashobora canke badashobora gutanga amaraso yashizweho hisunzwe impanuro z'abahinga mu ntumbero yo gukingira bene kuyahabwa. Avuga ko bategura kwihweza neza aya mategeko imbere y'uko uyu mwaka urangira kugira go bashobore kwugururira imiryango abantu benshi nka Dr Murĩithi kugira ngo bashobore gutanga amaraso ata ngorane." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54315657 +health Covid: Iran yatanguye kugerageza urucanco rwayo "Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Iran bimenyesha ko ico gihugu catanguye kugerageza urucanco cihinguriye. Tayebeh Mokhber, umukobwa w'umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru, Mohammad Mokhber, yabaye uwa mbere atewe urwo rucanco rwitwa Cov-IranBlessing ku musi wa kabiri. Ku mboneshakure ya reta, umushikiranganji w'amagara y'abantu Saeed Namaki yavuze ati:""Ubu n'ubutumwa ku banye Iran ko dufitiye icizeye umuti tuzotera abanyagihugu bacu, kandi ko no mu gihe hoba ikibazo, twese hamwe n'imiryango yacu tuzovyakira."" Hagati aho, Mokhber yavuze ko ico gihugu gishobora guhingura incanco imiliyoni 1.5 zokoreshwa buri kwezi mu ndwi zike. Abanye Iran hafi 55.000 baramaze guhitanwa na coronavirus kuva ico kiza giteye - igitigiri kiri hejuru cane mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati - mu gihe abarenga imiliyoni 1.2 banduye iyo ngwara. Abategetsi ba Iran bagumye bavuga ko ibihano vya Amerika ari intambamyi kuri ico gihugu mu kugura incanco za coronavirus, n'aho ivyo bihano bisanzwe bitaraba imiti n'ubutabazi. Igihugu ca Iran cariyandikishije mu mugambi wa Covax w'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS, ushinzwe gutanga incanco kw'isi yose." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55486692 +health Amenyo yabo yarononekaye kubera ubutare bwa fluoride Aba badamu bo mu ntara ya Arusha mu Tanzania bafise ingorane batewe n'ukwononekara kw'amenyo yabo kubera kunywa amazi arimwo ubutare bwinshi bwa fluoride. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59995360 +health Coronavirus: Ni iki kiriko kiraba ku banyafrika mu Bushinwa? "Mu ntango z'indwi iheze, haradutse ibihuha bitagira ifatiro ko uturere tw'Abanyafrika twabaye ikiririmbiro rishasha rya coronavirus mu gisagara ca Guangzhou mu Bushinwa. Haciye akanya gato, abajejwe amagara y'abantu baciye baca ku nzu ku nzu bapima abimukira b'Abanyafrika. Abapangishije amazu hamwe na bene amahoteri bamaze kwirukana Abanyafrika amajana n'amajana. Abenshi muri bo, harimwo n'abaserukira abandi, bashizwe ku nguvu mu bibanza vyateguwe gushirwamwo abiketswe ko banduye n'aho baba bapimwe bagasanga ntibanduye. Abaharurwa mu majana muri kino gihe bari mu kangaratete mu gihe hari ubwoba ko ibisagara bimwe bimwe nka Guangzhou bishobora gusubira kwizizirwa n'ico kiza. Abaserukira ibihugu bitari bike vya Afrika mu Bushinwa baramaze kwandikira umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu bamumenyesha akababaro kabo kuri ""iryo nenwa n'ivangura"". Ku wa gatandatu uheze, ibiro vy'ubuserukizi bw'u Bushinwa muri Zimbabwe bwarahakanye ivyo vyagirizwa igihugu ciwe mu butumwa bwaciye ku rubuga rwa twitter biti: ""Ubushinwa bufata abantu bose mu gihugu, baba Abashinwa canke abanyamahanga, ku rugero rumwe"". Igisagara ca Guangzhou nico carimwo Abanyafrika benshi ku mugabane wa Aziya gushika mu mpera za 2000, ariko mu myaka itanu irangiye ibitigiri vy'abanyafrika baba muri ico gisagara vyagiye bigabanuka. Benshi bavuga ko bama bahura n'ibibazo vy'ivangura, bakimwa impapuro z'inzira, eka bakabuzwa no gukora ibikorwavy'ukwiyungunganya. Hari bamwe bavuga ko ubu vyabaye ngombwa ko baja mu kinyegero. Mu gihe u Bushinwa bwari buherutse gutangaza ko bwiganzuye umugera wa coronavirus, buvuga ko hari abasubiye kwibonekeza banduye. Hagati aho abenshi muri bo bavugwa ko ari Abashinwa batashe bavuye mu mahanga. Ejo ku wa Mungu, leta y'ico gihugu yamenyesheje ko hari bashasha bashika 108 bari banduye." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52269348 +health Africa - Covid: AU yatanguye gutanga miriyoni 400 z'incanco "Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika AU/UA (African Union/Union Africaine) ryatanguye gutanga incanco zingana na miriyoni 400 ku bihugu birigize, nk'uko vyatangajwe n'umukuru wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa. Ibihugu vyinshi kuri uyu wa kane niho vyari vyiteze kuronswa izo ncanco zizoja zirazanwa buri kwezi. Ihangiro rya UA n'ugutanga incanco miriyoni 25 buri kwezi gushika mu kwezi kwa mbere. Ibihugu bigize iryo shirahamwe vyumvikanye mu kwezi kwa gatatu gushira hamwe ububasha bwavyo bwo kugura no kuronderera hamwe aho bigurira. Vyaciye bihitamwo kugura urucanco rwa Johnson & Johnson, intambwe yanyuma yo guhingura urwo rucanco ikaba ibera muri Africa y'Epfo. Prezida Cyril Ramaphosa yavuze ati: ""Iyi ni intanbwe ikomeye cane mu nguvu Afrika iriko irashira mu kubungabunga amagara no kubaho neza kw'abantu bayo. ""Ibi bizokwongereza ingoga mu kurwanya Covid-19 ku mugabane wa Afrika bibe n'umushinge w'uko Afrika yivyukiranya mu butunzi no mu mibereho."" Urugero rw'abamaze kuronka incanco muri Afrika ruri inyuma cane ugereranije n'iyindi migabane y'isi. Umukuru wa Afrika y'Epfo n'abandi bategetsi ba Afrika bagirije ibihugu bitunze gusumba kwigungirako incanco. Izo ncanco miriyoni 400 zitezwe kuzoba zihagije kugira hakingirwe ica gatatu c'abantu baba ku mugabane wa Afrika gutyo Afrika icagatize ihangiro ryo gucandaga nibura 60% vy'abayigize, nk'uko bivugwa na AU." https://www.bbc.com/gahuza/58105562 +health Uburusiya burahakana ivyo bwagirizwa vyo kwiba ubuhinga bw’urucanco rwa Coronavirus "Uwuserukira Uburusiya mu Bwongereza ariyamiriza ibivugwa ko inzego zijejwe igendereza z'igihugu ciwe zagerageje kwiba ubuhinga bwo guhingura urucanco rwa coronavirus. Mu kiganiro yagiranye n'umunyamakuru wa BBC, Andrew Marr, Andrei Kelin yavuze ati: ""Ivyo ntavyo nemera, ibi ni ibinyoma gusa"". Ku wa kane, inzego zijejwe umutekano z'Ubwongereza zatangaje ko hari abariko bagerageza kwiba ubuhinga bw'ugukora urucanco, kandi ko ""ata nkeka"" ko ""ari abakozi b'igisata c'igendereza c'Uburusiya"". Bwana Kelin yaboneyeho n'akanya ko guhakana ibivugwa ko Uburusiya bwivanze muri politike y'Ubwongereza. Mu ntango z'ino ndwi, umushikiranganji w'imigenderanire w'u Bwongereza, Dominic Raab, yavuze ko ata nkeka ko Abarusiya barondeye kwivanga mu matora yo mu 2019 mu muri ico gihugu bakoresheje impapuro za magendo. Bwana Kelin yavuze ati: ""Twebwe ntavyo twivangamwo. Nta kamaro twe tubibonamwo kuko kuri twebwe umugambwe uwo ari wo wose woba uri ku butegetsi, tuzokwama twihatira gukomeza imigenderanire gusumba uko imeze ubu"". Ayo majambo ashikirijwe hasigaye iminsi mike ngo hasohoke icegeranyo cagiriza Uburusiya ko civanze cane mu biraba intwaro mu Bwongereza, kikaba gitegekanijwe gushikirizwa n'umurwi w'abashingamateka ujejwe igendereza n'umutekano. Ikigo c'igihugu kijejwe umutekano ku mbuga nyabwonko (NCSC) kivuga ko cizeye ku bice 95% ko umurwi w'abo barusiya, uzwi nka The Dukes canke Cozy Bear, uri mu bagize inzego z'igendereza z'Uburusiya. Abajijwe nimba ivyo ari vyo, Bwana Kelin ntiyashotse yishura, akavuga ahubwo ati: ""Ivy'uyu murwi nabimenyeye mu binyamakuru vy'Ubwongereza"". Ati: ""Kuri ino si, gufata ibijanye n'ubusuma buca mu mashini nyabwonko ukavyagiriza igihugu ico ari co cose, ntibishoboka"". Abandanya avuga ko Uburusiya ata ""nyungu"" bubona mu kurondera kumenya ibijanye n'ibiriko birakorwa mu mugambi wo gukora urucanco. Avuga ko uruganda rukora imiti mu Burusiya R-Pharm rumaze kugiriranira amasezerano yo gukorera hamwe n'urundi ruganda AstraZeneca mu gukora urucanco rwa coronavirus ruriko rurahingurwa muri kaminuza ya Oxford, mu gihe vyoboneka ko harimwo akarusho. Ku bindi yavuze, Bwana Kelin yavuze ko abayobozi b'Uburusiya bariko bihweza ibijanye n'amatora ya kamarampaka aherutse kuba muri iki gihugu, bakavuga ko babonye ""ibitero vyinshi ku mbuga nyabwonko"" bituruka ku butaka bw'Ubwongereza. Haraciye indwi zibiri Uburusiya bwemeje impinduka zikomeyemw'ibwirizwashingiro, zirimwo ingingo zibuza kwubakana hagati y'abahuje ibitsina, ndetse zigatuma Perezida Vladimir Putin ashobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2036. Bwana Kelin yashimangiye ko Uburusiya ""butagiriza u Bwongereza nk'igihugu"" ko bwagize uruhara mu bitero vy'ubuhinga nyabwonko kandi ko igihugu ciwe kitashatse kubigira birebire." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53461672 +health Umugera wa Marburg ni iki, wokwirindwa gute? "Abantu babiri muri Ghana baramaze gupfa bahitanywe n’umugera wa Marburg – mu gihe 98 bashyizwe ukwabo – ivyatumye haduka ubwoba ko hashobora kwaduka ikiza gikomeye c’iyi ndwara yandukira cane, itera ubushuhe, kubabara imitsi, gucibwamwo, kudahwa hanyuma, akenshi, gupfa kubera gutakaza amaraso menshi. Umugera wegeranye cane n’uwa Ebola, nk’uko ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu ribivuga, Marburg watanguye kwibonekeza igihe abantu 31 bawanduriye hanyuma indwi bagapfa mu biza vyakurikiranye mu 1967 muri: Iki kiza basanze cazananye mu nkende zinjijwe mu gihugu zivuye muri Uganda. Ariko kuva ico gihe, uwu mugera wagiye uca no mu bindi bikoko. Hanyuma mu bantu, wandukira uciye ku bantu bamaze ibihe binini mu masenga (ubuvumo mu Kinyarwanda) no mu binogo bicukurwamwo ubutare bisanzwe bituwemwo n’ubuhungarema (uducurama mu Kinyarwanda). Ni bwo bwa mbere ibonetse muri Ghana – ariko hari ibindi bihugu vya Afrika umugera wigeze kubonekamwo, harimwo: Mu 2005 uwu mugera warateye ikiza cahitanye abantu barenga 300. Ariko i Bulaya, umuntu umwe ni we wenyene amaze gupfa mu myaka 40 iheze  - hamwe n’uwundi muri Amerika, yari avuye mu masenga yo muri Uganda. Vyavuye muri OMS/ WHO Uwu mugera utangura bukwi na bukwi (giturumbuka); Haciye imisi itatu, akenshi haca hakurikira: OMS ivuga iti: ""Kuri uru rugero, abantu babona umuntu yanduye umengo ni ‘umuzimu’, amaso agacokera, isura igahinduka, agacika inkokora cane”. Abantu benshi baca batangura kuva amaraso mu bice  bitandukanye vy’umubiri, bakavamwo bagasandaba haciye imisi icenda kuva batanguye kurwara, kubera gutakaza amaraso menshi no kudadarara. Ugereranije, uwu mugera wica inusu y’abawanduye, nk’uko OMS ibivuga, ariko aho vyari bikomeye cane wahitanye gushika ku 88% vy’abanduye. Agahungarema ko mu Misiri karya ivyamwa akenshi niko kabitse uwu mugera. Inkende zo muri Afrika n’ingurube nazo nyene zirashobora kugendana uwu mugera. Mu bantu, ukwirakwira uciye mu mazimazi y’uruhu no kwisasira ivyandujwe uwu mugera. Eka mbere n’iyo boba bamaze gukira, amaraso yabo canke intanga, nk’akarorero, bishobora kwanduza abandi inyuma y’amezi atari make. Nta rucanco rwihariye canke imiti yihariye biraboneka. Ariko ibintu bitari bike biva mu maraso, imiti hamwe n’ubuvuzi bwo kwongerereza inguvu umubiri (immunothérapie), biriko birakorwa, nk’uko OMS ibivuga. Hanyuma kandi n’abaganga barashobora kugabanya ubukari mu guha abarwayi ibintu vyinshi vyo kunywa no gusubiriza amaraso yatakaye. Gavi, ishirahamwe mpuzamakungu riteza imbere incanco, rivuga ko abantu muri Afrika bokwirinda kurya canke gukorakora inyama zo mw’ishamba. Abantu kandi bokwirinda gukorakora ingurube mu turere twadutsemwo ico kiza, nk’uko OMS ibivuga. Abantu bigeze kwandura uwu mugera, mu mibonano mpuzabitsina yabo bokoresha udukingirizo mu kiringo c’umwaka kuva batanguye kubona ibimenyetso canke gushika intanga zabo zipimwe incuro zibiri zikaboneka ko ata mugera zigifise. Hanyuma abahamba abantu bishwe n’uwu mugera bokwirinda gukorakora ikiziga." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cy0x45nzldvo +health OMS isaba kwinjira muri Tigray 'vyihuta' gukiza ubuzima "Abategetsi bo mw'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO bavuga ko gushika mu buraruko bwa Ethiopia bikenewe vyihuta kugira bakize ubuzima bw'imiliyoni n'imiliyoni z'abantu batakigira ikintu na kimwe. Ingwara z'ivyaduka nk'agasama na kolera ziravugwa mu turere twa Amhara na Afar, aho amashirahamwe atabara yabujijwe guhonyozayo ikirenge. Muri Tigray, aho atawugerayo aciye mu kirere canke mw'ibarabara haraciye indwi umunani, OMS ntishobora kumenya ubwoko bw'ingwara bwadutseyo. Ariko abategetsi bavuga ko igikorwa co gucandaga ibibondo cahagaze kandi ko imiti imwe imwe nkenerwa yaheze. Amavuriro make adashika no kuri imwe kw'icumi ni yo agikora. Hari kandi ubu, ubukene bw'ibifungurwa n'igitoro, aho hagereranywa ko ibice 89% vy'abanye Tigray badafise ivyo bafungura. abana na bo 29% bakaba bagwaye ingwara y'imirire mibi. Muri Tigray, Amhara na Afar, Onu igereranya ko abantu imiliyoni 13 bakeneye imfashanyo. Mu ntango z'uku kwezi, uwurongoye ishirahamwe OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus. aturuka mu ntara ya Tigray, yavuze ko ""hasigaye akantu gato hakaba jenoside"". Ku musi wa gatanu, abategetsi ba OMS n'aho batagarutse kuri ivyo, ariko bavuze ko gushika mu karere ka Tigray ari ikintu cihutirwa cane. Ibiganiro vy'amahoro hagati ya reta ya Ethioipia n'abategetsi ba Tigray vyaratanguye muri Afrika y'epfo muri iyi ndwi, ariko ntibirashika aho birekurira abatanga imfashanyo kuja muri ako karere." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c3gz8md05kzo +health Africa-Covid: OMS iragabisha ku bihugu biriko biratezura gucungera ico kiza "Ishirahamwe ryitaho amagara kw'isi OMS/WHO risaba kwiyubara cane mu gihe ibihugu vyinshi vyo muri Afrika biriko biratezura ingingo zo kugenzura indwara ya Covid hamwe n'izo gushira ukwa bonyene abayanduye canke abinjiye bava hanze. Umuyobozi w'igisata ca Afrika muri OMS, Matshidiso Moeti, yavugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku buhinga bwa none ku wa kane ati: ""N'ikibazo giteye impungene kubona hafi ica kabiri c'ibihugu vyose vyo muri Afrika vyahagaritse kurondera abo bose baba bahuye n'abanduye Covid. ""Ivyo hamwe no gukora ibipimo nyavyo, nivyo bigize umushinge wo guhangana vy'ukuri n'ikiza ico ari co cose"". OMS ivuga ko vy'umwihariko biteye ""impungenge ku mugabane ugifise gushika ubu urugero rwa mbere ruri hasi kw'isi rw'abamaze kuronka urucanco [rwa Covid]"". OMS ivuga kandi ko kubera gusugerezwa n'ibibazo vyo kwugurura kugira ubutunzi busubire gukora, ibihugu biriko biragabanya inguvu zo gucungera hamwe n'izindi ngingo. Uko kugabisha kwa OMS kuje mu gihe mu bindi bice vy'isi, ibitigiri vy'ikwirakwira rya Covid vyasubiye kuduga cane. Dr Moeti avuga ati: ""Kuvanaho ingingo abanyagihugu bahora basabwa kwubahiriza mu gukingira amagara yabo bidasigura guhesha mu gucungera ico kiza"". Abantu bashika miriyoni 201 ni ukuvuga 15% y'abantu baba muri Afrika nibo bamaze kuronka incanco zuzuye za Covid, aho ni mu gihe muri rusangi ahandi kw'isi bashika 57%." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60871897 +health France yatoye umuntu wa mbere yanduye bwa bwoko bushasha bwa coronavirus Ubufaransa bwemeje ko hari umuntu wa mbere yanduye ubwokobushasha bwa coronavirus bwandukira cane buherutse kwibonekeza mu Bwongereza. Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bw'Ubufaransa bumenyesha ko uyo muntu ari umufaransa asanzwe aba mu gisagara ca Tours kiri hagati mu gihugu, akaba yari yavuye mu Bwongereza ku wa 19 z'uku kwa cumi na kabiri. Ubu bushikiranganji buvuga ko uyo muntu ata bimenyetso yerekana, kandi ko yishize ukwiwe muhira. Ubu bwoko bushasha bwa coronavirus yihinduye bwabonetse mu Bwongereza bwatumye ibihugu bitari bike bifata ingingo zo guhagarika uruja n'uruza n'ico gihugu. Ubufaransa bwari bwazibiye imbibe zabwo ariko ku wa gatatu bwarahagaritse iyo ngingo, gusa bugasaba ko abantu babanza gupimwa ko bakomeye imbere yo gufata ingendo. Abashoferi b'amakamyo baharurwa mu bihumbi baririye Noweri mu mamodoka yabo mu karere ka Kent barindiriye kwinjira mu Bufaransa. Uyu muntu yanduye ubu bwoko bundi bwa coronavirus yari yapimwe mu bitaro ku wa 21 z'uku kwa cumi na kabiri, nk'uko ubushikirangani bw'amagara y'abantu bubitangaza. Ubu bushikiranganji bwongerako y'uko uyu muntu ari Umufaransa asanzwe aba mu Bwongereza, ariko ko yumva ameze neza. Hari n'ibindi bihugu vyamaze gutangaza ko vyamaze guterwa n'ubu bwoko bushasha bw'uwu mugera: Ejo ku wa gatanu, Ubuyapani bwatangaje ko abantu batanu mu ngenzi zari zivuye mu Bwongereza banduye. Aho ni mu gihe imbere y'aho ibihudu vya Danemark, Australia n'Ubuholande navyo nyene vyari vyamaze gutangaza ko uwo mugera wabishwayemwo. Abantu barenga imiriyoni zibiri n'igice nibo banduye Covi-19 mu Bufaransa kuva yadutse, ikaba yahitanye abarenga ibihumbi 62, bukaba bugira indwi kw'isi mu bihugu bifise ibitigiri binini vy'abanduye. Itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko ku wa gatandatu incanco za mbere za Pfizer-BioNTech ari ho zinjira mu gihugu zivuye mu Bubirigi. Vyitezwe ko aba mbere batangura gucandagwa kuri uyu wa Mungu mu bigo bibiri bitunze abatama vya Sevran na Dijon. Ubu bwoko bushasha bwa coronavirus bwatanguye kwibonekeza mu Bwongereza mu kwezi kw'icenda, bukavugwa ko ari bwo bwatumye ibitigiri vy'abandura i Londres, mu buseruko bw'Ubwongereza no mu bumanuko bushira ubuseruko, vyiyongera ku buryo budasanzwe. Ikigo kijejwe imibare mu Bwongereza, ONS, kivuga ko bishokoka y'uko bibiri vya bitatu vy'abandura bafise kuba bafise ubu bwoko bushasha. Iyi coronavirus yihinduye iboneka ko ari ubwoko bushobora gukwirakwira ningoga kubera ingene bumeze. Hagati aho, nta cemeza ko ishobora kuba ikaze gusumba iyisanzwe ihari, ivyumvikana ko incanco ziherutse gukorwa zishobora gukora no kuri ubu bwoko, nk'uko abahinga babivuga. Ibihugu birenga 40 vyarahagaritse ingenzi zava mu Bwongereza mu ntango z'uku kwezi. Ingendo z'indege ziva mu Bwongereza zarahagaritswe mu bihugu bitari bike harimwo Espagne, Ubuhindi na hong Kong. Arabiya Sawudite, Omani na Koweiti vyovyo vyarageze kure, mu kwugara imbibe zavyo mu kiringo c'indwi yose. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55451761 +health Umugabo yamugaye inyuma yo gucika uruti rw'umugongo yasubiye gutambuka, bamushizemwo icuma "Umugabo yamugaye inyuma y'aho uruti rw'umugongo rucikiye yashoboye gutambuka kandi, inyuma yo guterwa icuma gikoresha umuyagankuba cakozwe n'umurwi w'abashakashatsi bo mu Buswusi. Ni bwo bwa mbere umuntu yacitse rwose uruti rw'umugongo asubira gutambuka. Ni nabwo buhinga bwakoreshejwe mu gusubiza ubuzima uwundi muntu yari yamugaye gushika n'aho asubira kuvyara. Ubu bushakashatsi bwatangajwe mu kinyamakuru Nature Medicine gitangaza amakuru ajane n'ubushakashatsi mu vyo ubuvuzi. Michel Roccati yamugaye biturutse kw'isanganya ry'ipikipiki, imyaka itanu iraheze. Uruti rw'umugongo rwaracitse rwose - akaba ata n'utuguvu na dukeya yari afise mu maguru. Ariko ubu arashobora gutambura - kubera icuma gikoresha umuyagankura bometse mu ruti rw'umugongo. Nta muntu yagize imvune yo kuri uru rugero yari bwigere asubira gutambuka. Aba bashakashatsi bashimangira ko iki atari umuti w'imvune y'uruti rw'umugongo kandi ko ubu buhinga bukigoye cane ku buryo budashobora gukoreshwa mu buzima bwa misi yose, ariko bagashima cane ko ari intambwe ikomeye mu bijanye no gukomeza amagara y'uwamugaye. Narasanze Michel muri laboratoire yakorewemwo iki cuma. Yambwiye ati ubu buhinga ni ""umugisha kuri jewe"". ""Ndahaguruka, nkagenda aho nshatse hose, ndashobora gutambuka ku ngazi - ni nk'aho ndi mu buzima busanzwe"". Si ubu buhinga bwonyene bwatumye Michel atora mitende. Uyu musore w'umutaliyano yamye afise ishaka ryo gusubirana itoto. Yambwiye ko kuva igihe ahura n'iri sanganya, yagumye arondera ingene yotera imbere. ""Nahora nkora umukino wo guterana ingumu, nkiruka, mbere ngakora imyimenyerezo ngororamubiri mu nzu y'ibikorwa ngororamubiri (gym). Ariko inyuma y'iri sanganya, sinashoboye gukora ibi bikorwa nakunda cane, ariko sinigeze ncika intege. Sinigeze mpagarika ibikorwa vyo kwisubiza itoto. Namye nshaka gutorera umuti ikibazo canje"". Umuvuduko wa Michel mu kurondera gukira watangaje umuganga yamushizemwo ico cuma akaba n'umuhinga yafatanije intsinga z'iki cuma n'imitsi yiwe, Prof Jocelyne Bloch, wo muri Laboratoire de Neurothérapies et Neuromodulation - LNTM. Avuga ati: ""Naratangaye cane. Michel ni igitangaza rwose. Yarashoboye gukoresha ubu buhinga agenda atera imbere, amera neza gusumba"". Ubu bushakashatsi bwashigikiwe na Ram Hariharan, umuhinga mu bitaro Northern General Hospital biri i Sheffield ariko adakorana n'uyu murwi w'abashakashatsi, akaba avugira ishirahamwe Spinal Injuries Association. Ati: ""Bakoze ikintu kitari bwigere gikorwa gushika ubu. ""Si nari bwigere numva ubu buhinga, aho bashize icuma [mu murwayi yacitse rwose uruti rw'umugongo] gushika aho imitsi isubira gukora agashobora guhagarara no kugendagenda"". Ariko yongerako y'uko hagikenewe ibikorwa vyinshi vyo kugerageza ubu buhinga kugira ngo yemere neza ko ari umuti nyawo. ""Dukeneye ibiharuro vyinshi [vy'abarwayi] kugira ngo ubwa mbere tumenye ko ata ngorane butera hanyuma kandi ko bushobora koko guteza imbere amagara yabo. Ni ho dushobora kubushikana imbere."" Imitsi y'uruti rw'umugongo niyo itwara amakuru iyavana mu bwonko ikayashikana mu maguru. Rero hari bamwe baca bamugara iyo iyi mitsi yononekaye mw'isanganya. Ku kibazo ca Michel, nta kimenyetso na kimwe gishika mu maguru kubera uruti rw'umugongo rwacitse rwose. Ariko iki cuma bamushizemwo kirashikana amakuru mu maguru bikamutuma ashobora gutambuka, ariko aho ni igihe iki cuma kiba cakije. Gushika ubu, abantu icenda gusa nibo bamaze guhabwa iki cuma bagasubirana ubushobozi bwo kugendagenda. Nta n'umwe muri bo agikoresha kugira ngo kimufashe gutembera mu buzima bwabo bwa misi yose - kubera gushika ubu kikigoye gukoresha. Ico bakora, bagikoresha mu kwimenyereza gutambuka - kugira ngo imitsi ntidadarare, kigakomeza amagara yabo. David M'zee ni umwe mu barwayi ba mbere bashizwemwo iki cuma. Nk'uko vyagenze kuri Michel, yarashoboye kugendagenda n'iki cuma ariko akoreshejeje ico yishimikiza. Amagara ya David yarateye imbere ku buryo yashoboye no kuvyarana n'umugore wiwe Janine umwana w'umwigeme, ibitashoboka inyuma y'isanganya yagize mu 2010. Umukobwa wiwe, Zoe, ubu afise umwaka umwe. Igihe nari kumwe nabo, yarasiganywe na se wiwe akoresheje n'icishimikizo c'umwana yaryohewe cane abonye asize se wiwe. N'umunezero mwinshi nka se w'umwana, avuga ati: ""Ni ukuri ni ibintu bihimbaye cane"". ""Ni ibintu biryoshe cane. Ni bwo bwa mbere njanye na we nk'uku - akoresha icishimikizo nk'umwana, nanje ngakoresha icishimikizo canje"". Kugira umuryango vyahaye David umunezero udasanzwe. Kandi iki cuma kiramufasha bukebuke, ariko mu buryo budasanzwe. ""Kiramfasha cane mu kugenzura ivuduka ry'umurindi w'amaraso. Ni ingorane maranye igihe kirekire. Ubwa mbere sinashotse ndayibona. Nama numva uburuhe igihe cose"". ""Igihe tumenya ko iki cuma gishobora gutuma umurindi w'amaraso wongerekana, twagize tuti 'Ohooo, niko bimeze mu buzima!'"" Yambwiye ati: ""Utu tuntu duto duto ni two dutuma ibintu bihinduka"". Haracari urugendo rutari ruto kugira ngo ubu buhinga bushobore gukoreshwa mu buryo busanzwe mu gufasha abafise ubumuga gutembera, nk'uko bivugwa na Prof Grégoire Courtine ari na we yari arongoye uyu murwi watoye ubu buhinga kw'ishure ry'ubuhinga École Polytechnique Fédérale de Lausanne (EPFL). ""Uwu si umuti ku mvune y'uruti rw'umugongo. Ariko ni intambwe idasanzwe mu gukomeza ubuzima bw'abantu. Tugiye guha abantu ubushobozi. Tugiye kubaha ubushobozi bwo guhagarara, kugendagenda. Ibi ntibikwiye, ariko ni intambwe idasazwe"". Umuti kwoba ari ugusubiza itoto uruti rw'umugongo, kumbure mu kuvura imitsi yacitse, ibi navyo bikaba bikiri ku rugero rwo hasi cane mu bushakashatsi. Prof Courtine yemeza ko iki cuma gikoreshwa muri ubu buhinga gishobora kuzokoreshwa mu buryo bwo kuvura iyi mitsi mu gihe cotangura gukoreshwa ica kera." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60299228 +health Inyishu ya Ministre Martin Nivyabandi ku mugwi wa ONU vya coronavirus Inyishu ya Ministre Martin Nivyabandi ku mugwi wa ONU ujejwe agateka ka muntu ku vya coronavirus https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52249526 +health Abagabo muri Kenya binjiye mu rugamba rwo kurwanya ikebwa ry'abakobwa "Kugabisha: Hari bamwe bashobora gusanga bimwe mu vyanditswe muri ino nkuru biteye ubwoba John nyashobora kwibuka neza igihe na kimwe yoba yaranguye imibonano mpuzabitsina n'umugore wiwe ntaheze umugore atari mu marira. Yarababara cane kubera yari yarakebwe (mutilation genitale feminine/female genital mutilation), ibizwi nka FGM mu mpfunyapfunyo y'icongereza. Uyu mugabo w'imyaka 40 agira ati: ""Igihe cose ngize ngo ndegera Martha, aca yigira inyuma, akituna nk'umwana. Ararira, akansaba ko nomureka. Ntagishaka gukora imibonano mpuzabitsina"". John na Martha bompi ni abo mu muryango w'aba Marakwet mu burengero bwa Kenya. N'aho imigirwa ya FGM itemewe n'amategeko muri Kenya, abakobwa muri uwo muryango barayikorerwa bageze mu myaka hagati ya 12 na 17, nk'umugirwa wo kwitegurira kurongorwa. Martha yakebwe igihe yari afise imyaka 15. Martha ati: ""Ndababara cane iyo nkoze imibonano mpuzabitsina. Ndipfuza ko iyi migirwa ituzwa burundu"". Avuga ko no kuvyara vyamugoye. Bavuga ku vyo bibuka igihe bakora imibonano mpuzabitsina ubwa mbere, bavuga ko ryari ihahamuka. Martha avuga ko yumvise ububabare butagira izina kandi ko atari azi ko imibonano mpuzabitsina yababaza ukuraho. Vyabaye ngombwa ko asaba umugabo wiwe guhagarika. John abwira BBC ati: ""Si namenye ko igitsina ciwe cakebwe, bagasigaza agatoboro gatoya gusa"". ""Ndumvira impuhwe nyinshi cane umugore wanje. Si nshaka ko yiyumva nk'uko umengo nta cubahiro ndamuha, gusa turi umugabo n'umugore"". Babayeho mu maganya ata n'icizere bafise ko ibintu bishobora kuzohinduka - atari kuri bo gusa, ariko bafitiye ubwoba umwana wabo w'umukobwa akiri muto. Babandanije biyumvira gutyo gushika aho John yumvitiye ko hari isekeza ryo kurwanya ikebwa ry'abana b'abakobwa mu kigwati cabo, ahanini ryarondera abagabo. Avuga ko ryamwuguruye amaso akabona akaga uwo mugirwa utera abagore. Ryamutumye agira iyindi mbono maze arabona ko nk'umugabo ashobora gufasha kuwuhagarika. ""Uko vyogenda kwose, abagabo ni bo bafise ijambo rya nyuma ku bana kandi mvuze ko umwana wanje adashobora gukebwa, ntashobora gukebwa"". Ni impinduka Moses n'umugore wiwe Josephine, na bo nyene bo muri uwo muryango, bakirije yompi. Inyuma y'imyaka hafi 25 bamaze bubakanye, nabo nyene imibonano mpuzabitsina yabo yabaye amagorwa kubera umugore yakebwe. Josephine yakebwe akiri muto cane kandi na we nyene avuga ko imibonano mpuzabitsina yabo ari amagorwa. ""Igihe cose ndababara cane ariko nahavuye niga kwihangana"". Josephine yibaza ko boba ari bo bonyene bari muri uwu mubabaro gushika bagiye hamwe n'abandu bubakanye nabo bavuga ko ari yo magorwa babayemwo. 'Iceyi mu muryango' Kuvuga ibijanye n'igitsina n'ibicerekeye, nk'akarorero ivyo gukebwa, muri Kenya biracari umuziro mu miryango itari mike yo muri ico gihugu, cane cane ku bagabo. Yitwengera igihe bari bamubwiye ko ivyerekeye igitsina vyovugwa amenya mu muryango wiwe, John avuga ati: ""Nta muntu n'umwe yigeze ambwira ivy'imibonano mpuzabitsina, cane cane n'umugore yakebwe. N'ubu kiracari ibanga"". Vyongeye, abagabo barwanya ikebwa ry'abakobwa bashobora gufatwa nk'abahemu bariko barondera kurwanya umuco kama. Mu 2014, vyavugwa ko imiriyoni zine z'abagore bo muri Kenya, hafi ica gatanu c'abagore bose mu gihugu, bakorewe FGM mu buryo kanaka. Mu miryango imwe imwe gukebwa biracafatwa nka ngombwa imbere yo kurongorwa. Josephine ati: ""Mu myaka ya kahise, iyo umukobwa yanse gukebwa, yarashobora kubura umugabo, kandi bishite akarongorwa bagasanga ntiyakebwe ntiyashobora kwemerwa muri urwo rugo rushasha. Yarashobora gusubizwa iwabo, ibi navyo bikaba biteye isoni n'iceyi ku bantu bo muri uwo muryango"". Dr Tamarry Esho akora amatohoza kuri FGM akanayirwanya, avuga ko mu miryango 42 izwi muri Kenya, ine yonyene niyo izwi ko itigeze ikora uwu mugirwa muri kahise kayo. Kandi hari imwe ikiwukora. Dr Esho ati: ""Uwu ni umuco washinze imizi cane. Abantu batari bake baracawumva nk'uburenganzira bwabo"". Ariko imiryango itari mike iramaze guhindura ivyiyumviro kandi Kenya iri mu bihugu biboneka ko biriko birahinduka cane muri Afrika ku bijanye n'iki kibazo. Ubu, igice kimwe kw'icumi c'inkumi ziri hagati y'imyaka 15 na 19 nibo bazwi ko bakebwe, mu gihe mu 1974 bagera ku bice hafi 50%. Tony Mwebia yatanguje ishirahamwe Men End FGM ryigisha abantu kurwanya FGM, avuga ko abagabo bashobora gutuma ibintu bihinduka. Avuga ati: ""Mu miryango igikora uwu mugirwa wa FGM muri Kenya, mu gihe abagore ari bo bakeba bagenzi babo b'abakobwa, abagabo nibo bafise ijambo rya nyuma. Gusa, ikibazo ni uko batazi ico ari co ikebwa ry'abakobwa, batazi ingene bikorwa canke inkurikizi mbi cane rifise ku bagore. ""Mu gihe abagabo botahura ubu butumwa, yoba ari amahirwe. Bafise aho bavugira, bafise ababumva, kandi bafise n'ikibanza kinini"". Inyuma yo kwitaba inama ijanye no kwigisha ivyo kurwanya ikebwa ku bapfasoni, John yaciye afata ingingo ko umukobwa wiwe adashobora gukebwa. Yashoboye kandi no kuvuga ikintu yemeza ko abagabo benshi badashaka kwemera. ""Ikebwa rirafise ingaruka no ku bagabo. Benshi baratuntuye ariko bahitamwo kwihangana. Imico imwe ivuga ko rituma abagore bataja mu busambanyi. FGM nta kindi kintu na kimwe imaze atari uguhungabanya urukundo hagati y'umugabo n'umugore"". Ku bagore nka Josephine, kugira abagabo bumva umugambi ni ikintu gishobora guhindura ibintu, cane cane mu gihugu aho umugabo ari we mwene urugo. ""Hari igihe twumva twacitse intege, ubu siko bimeze. Nk'umwe mu babikorewe, numvise umugabo wanje avuze ko adakeneye ko umukobwa wacu akebwa, numva mpimbawe. Eka n'ababanyi bacu baradukurikiye. Bavuga ko abakobwa babo badashobora gukebwa"". *Amazina y'abubakanyebavuganye na BBC muri ino nkuru yarahinduwe mu ntumbero yo kubakingira kugira ntibamenyekane. Uburyo bwa 1: bita Clitoridectomy. Ni uguca akabezi (clitoris) kose n'agashato kari kuri ko. Uburyo bwa 2: bita Excision. Gukeba akabezi bakagakurako rwose canke bagasigaza agace gato, hanyuma bagakata iminwa y'imbere ikikuje imishino (petites lèvres mu gifaransa) ikikuje igitsinagore . Uburyo bwa 3: Infibulation. Aha ni ugukata iminwa y'imbere n'iy'inyuma yo ku rwinjiriro rw'igitsinagore (petites lèvres et grandes lèvres ) bakayitera ahandi. Hano hajamwo n'ivyo gushona bagasigaza agatoboro gato. Uretse ko bibabaza ku buryo burenze urugero, ibi bishobora gutera ingwara , canke kwugara igitsina bagasigaza agatoboro gato gacamwo umukoyo n'amaraso igihe umukobwa ari mu butinyanka. bituma agira ibibazo mu gihe c' imibonano mpuzabitsina canke kuvyara, bikaba ngobwa kwongera kwagura iyo ntoboro, ibijana n'izindi ngaruka. Uburyo bwa 4: Ubu buryo burimwo ubundi bwose bubabaza cane bakora ku kabezi canke ibindi bihimba vy'igitsina, harimwo gutobora, gukata, kuringaniza, bagacishako n'imbugita ishushe." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58452635 +health Africa kuronka urucanco rwa Covid-19 si vuba Afrika izorindira amayinga canke amezi imbere yo kuronka inkingo za Covid-19 zemewe na OMS, nk'uko vyemezwa n'abategetsi batandukanye bariko barita ku rutare kugira uwo mugabane uronke incanco. Incanco hafi miliyoni 900 ziramaze gutumwako gushika ubu biciye mu nzira zitandukanye , izo zikaba zikwiye kugira hakingirwe 30% y'abanyafrika bose hamwe babarizwa muri miliyaridi 1.3 Ibigoye kigira izo nkingo zishike muri Africa ni vyinshi: ukuzitanguranwa n'ibihugu bifise amikoro, ukutaboneka kw'uburyo bwari bwemewe gutangwa, n'amategeko ajanye n'ivyuma bitanga ubukonje bwo kubikamwo izo nkingo. Umukuru wa OMS asa mbere n'uwabonye ko ibihugu vy'amikoro make bishobora gusigara inyuma cane muri uwo mugambi wo gukinga kwandura umugera wa Covid-19. Dr Tedros Ghebreyesus yagize ati: ''Turi hafi y'akaga ko kunanirwa ivyo dutegerezwa gukora nk'abantu kandi ingaruka n'ugutakaza ubuzima n'ibibeshaho abantu mu bihugu bikenye.'' Haguma haterwa akamo ko hoba isabikanywa atawe risiga inyuma. Gushika ubu inkingo imiliyoni 40 ziramaze guhabwa abantu mu bihugu nibura 49 vyifise, kugereranya n'incanco 25 gusa zatanzwe muri kimwe mu bihugu vy'amikoro make ku bwa Dr Tedros. ''Simvuze miliyoni 25, canke ibihumbi 25, mvuze 25 gusa'' ariko ntiyavuze ico gihugu icari co. Gushika ubu izo nkingo z'i Buraya nta na rumwe rurahabwa umuntu muri Africa, amezi abiri kuva zitanguye gutangwa i Buraya. Ihuriro ry'amashirahamwe ajejwe guhimiriza, People's Vaccine Alliance, rivuga ko ryasanze ''Ibihugu bitunze bifise abantu bangana na 14% y'ababa kw'isi yose vyaguze ibice birenga 50 kw'ijana (53%) vy'incanco zose zitanga icizere co gukingira abantu''. Aho harimwo incanco zose za Moderna muri uyu mwaka wa 2021 na 96% z'izo Pfizer itegekanya gukora. Igihugu ca Canada nico cahebuje nk'uko vyerekanwa n'ikigo cihweza ibijanye n'ubuhinga, Airfinity. Kivuga ko ico gihugu caguze ''inkingo zihagije kugira umunyeCanada wese akingirwe incuro zitanu''. Izo rero zitegerezwa kuboneka imbere y'uko ibihugu vy'amikoro make navyo bishikirwa. ''Ntimurondere inyungu z'umurengera'' Muri Africa , ibiriko biraba vyibutsa imyaka ya 90 aho imiti yi gupfupfahaza SIDA (ARV) yakorerwa muri Amerika. N'ubwo Africa ariyo yari ifise abantu benshi kuruta iyindi migabane bagendana uwo mugera, vyatwaye imyaka itari munsi y'itandatu kugira iyo miti ishikire Abanyafrika. Imiriyoni 12 z'abantu barapfuye muri Afrika mu kiringo c'imyaka cumi bahitanywe n'indwara zifatiye kuri SIDA mu gihe igitigiri c'abapfa cari cagabanutse cane muri Amerika , nk'uko biri mu mwihwezo w'ikigo ca Africa kijejwe kurwanya indwara no kuzikinga. Umuyobozi nshingwabikorwa wa UNAids Winnie Byanyima ari mu bantu bashira ijwi hejuru cane kugira abakora inkingo za Covid-19 ntibarondere inyungu z'umurengera. Yabwiye BBC ati : ''Ntitubasaba guhomba. Kuri za ARV, abantu bagendana umugera wa SIDA n'abaharanira uburenganzira bwo kubaho barahagurutse batuma ama reta yemera ko hakorwa imiti y'abahawe uruhusha n'abayikoze ubwa mbere (generique), iyo nayo ikaba yari izimbutse cane. ''Ni uko imiti ya SIDA yavuye ku ma dolari 10.000 ($10.000) ku mwaka(ku muntu umwe) ikamanuka gushika ku ma dolari ijana($100) ku mwaka. '' Ashaka ko vyogenda gutyo ku nkingo za Covi-19, agasaba ibigo bihingura imiti ngo ''ntibitwarwe no kurondera inyungu z'umurengera''. Avuga ko bishobora kubandanya vyunguka n'aho vyokwereka abandi inzira yo gucamwo mu gukora izo nkingo. 'Gusimba abandi ku murongo' Umukuru wa OMS nawe nyene asaba ko hoba ugusabikanya neza. Ariko avuga ko n'abafise iyo mvugo baca ku ruhande bakarengana Covax kugira biyumvikanire n'ayo makompanyi ahigura izo ncanco, bigatuma ibiciro biduga kandi hakaba kugerageza gusimba abandi. Covax n'umugambi wa OMS na Vaccine Alliance wo gukwiragiza inkingo za Cobid-19 kw'isi ata n'umwe asizwe inyuma. Uwo mugambi ngo ntiwashoboye gushoka ugura izo kingo nk'uko ibihugu vyifise vyabikoze kuko wabanje kurondera uburyo. Umaze kuronka miliyaridi 6 z'ama dolari kuri 8 wari wiyemeje kwegeranya, izo ngo zikaba zigenewe ibihugu 92 vy'amikoro make n'ayabayabaye nk'uko bivugwa na Thabani Mapfosa wa Vaccine Alliance. Gushika ubu uwo mugambi umaze gutumako inkingo zingana n'imiriyoni 600 kuri ivyo bihugu, harimwo ibihugu vyose vya Afrika. Ariko rero ntihakenewe uburyo bwo kugura inkingo gusa. Ibihugu bitegerezwa kuronka uburyo bwo kugura ivyuma bitanga ubukonje bwo kuzibika na cane cane nka Pfizer, ibikwa mu bukonje bwa degre 70 munsi y'ubusa (-70C). Ishami rya ONU ryitaho abana UNICEF , risanzwe ritunganya itangwa ry'incanco ku bana, rizotanga uburyo bwo gushikana inkingo za Covid-19 iyo zitegerezwa gushika mu mugambi wa Covax. Iryo shami ririko riritegura kwiremeka nibura incuro zibiri ivyo ryahora ritwara muco ryise ''igikorwa amahanga kitari bwigere kiba''. Ivyo kugira bikunde, ibihugu bitegerezwa kuba vyiteguye mu buryo bwo kwakira izo nkingio no kuzitanga. Benjamin Schreiber ashinzwe guhuza ibikorwa vya Covax muri Unicef avuga ko afise ''impungenge ko ata mwiteguro uhagije uraba''. ''Ico twabonye n'uko no mu bihugu biteye imbere ishirwa mu ngiro ry'ibikorwa vyo gutanga incanco bitoroha namba, bikenera uburyo no gutegurwa neza, gushika ubu akaba ata mwiteguro uhagije urakorwa mu bihugu vy'amikoro make.'' Ariko afise icizere ko bizoshoboka kuko avuga ko nk'ibihugu vyo muri Afrika bimenyereye ivy'incanco gusumba ibindi bihugu vyinshi kw'isi. OMS imaze kwemera urucanco rumwe gusa Intambanyi si izo gusa. Mu mugambi wa Covax wa OMS, hemewe kugurwa incanco zimaze kwemezwa na OMS gusa. Gushika ubu naho urumaze kwemerwa gukoreshwa vyihutirwa ni Pfizer gusa. Moderna na AstraZeneca ziracari nu nzira yo kwemerwa. Gushika ubu rero nta tariki runaka BBC yabonye y'aho inkingo za mbere zishobora kubonekera muri Africa ifatiye ku bishikirizwa n'abategetsi ba Covax. Itariki yitwa ko ari iya hafi ni mu kwezi kwa kabiri ariko hashobora gushika no mpera z'ukwa gatatu kugira inkingo za mbere zirungitswe na Covax zishike muri Africa. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55764587 +health DRC: Ikiza ca mugiga kimaze guhitana abantu 120 "Akarere k'uburaruko bushira ubuseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo katangajwe ko katewe n'ikiza ca mugiga. Gushika ubu, abantu 120 ni bo bamaze guhitanwa n'iyi ndwara. Abantu ba mbere banduye iyi ndwara bamenyekanye mu kwezi kw'indwi. Gushika ubu abarenga 100 ni bo bariko baravurirwa muhira canke mu bigo vy'ubuvuzi. Ntivyoroshe kurwanya iki kiza kubera abanyagihugu mu karere basanzwe bemera ibintazi bavuga ko ari uburozi, nk'uko BBC yabibwiwe n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO. Ibipimo vyafashwe bikajanwa mu Bufaransa kugira vyigwe vyahavuye vyerekana ko umugera w'iyi ngwara ushobora guteza akaga mu bice binini cane. Hari benshi bamaze kuhasiga ubuzima kandi ahanini bikaba biva ku banyagihugu bakinana. Hakuja kwivuza, hari bamwe bahitamwo kwimuka bakava mu karere baja mu kandi, bibaza ko iyi ndwara itabakurikira. Reta ya Congo hamwe na OMS barungitse umugwi w'abaganga mu ntara ya Tshopo guhangana n'iki kiza. Iyi ntara iri ""mu gice ca Afrika gikunze kwizizirwa na mugiga"" , igice kiva muri Senegal gushika muri Ethiopia - kigizwe n'ibihugu 26. Tumwe muri utu turere dukunze guhura n'ivyago vy'iki kiza cane cane mu gihe c'uruzuba - kuva mu kwa mbere gushika mu kw'indwi. Mugiga, indwara mbi cane, yandukira iva ku muntu ija ku wundi biciye mu mpwemu canke mu gukorora iyo uhuye n'umuntu ayirwaye." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58497651 +health Covid: Burundi, Rwanda na DR Congo mu bihugu vyavanywe ku rutonde rutukura rw'Ubwongereza "Amakompanyi y'ingendo yashimye iyo ngingo yo kugabanya amategeko yo kugumiza umuntu ukwa wenyene, mu gihe ibihugu 47 vyaraye bikuwe ku ""rutonde rutukura"". Ubu kuri urwo rutonde hasigayeko ibihugu indwi gusa. Ariko ikigo gikora muri ico gisata cavuze ko cifuza ko reta y'Ubwongereza ishira mu bikorwa imigambi yo gusubiriza igipimo kizimvye ca Covid bita PCR hakiri kare imbere y'uko hatangura uburuhuko bwo hagati mu mwaka mu mashure bwimirije. Muri izo ngingo zaraye zihindutse, ibihugu vya Panama, Colombia, Venezuela, Peru, Ecuador (Equateur), Haiti na Dominican Republic (Republique Dominicaine) nivyo vyonyene vyagumye ku rutonde rutukura rw'Ubwomgereza - bisigura ko abantu bafashe ingendo bava muri ivyo bihugu bashitse mu Bwongereza bategerezwa kubandanya kuguma ukwa bonyene mu mahoteri ikiringo c'amajoro 11 ku giciro c'amafaranga y'Abongoreza pound 2.285 ( miriyoni zirenga 6 mu mafaranga y'Uburundi) kuri buri muntu akuze. Ibihugu abantu bakunze kuja gutemberamwo nka Afrika y'Epfo, Thailand na Mexico biri muri 47 bizovanwa ku rutonde rutukura guhera ku munsi wa mbere isaha cumi zo mu gitondo mu masaha y'ici yo mu Bwongereza (isaha 11 zo mu gitondo mu Burundi no mu Rwanda), bikazotuma ingendo zoroha kandi zizimbuka kuruta uko vyahora. Kompanyi y'indege Virgin Atlantic yavuze ko ababikisha ibibanza vyo kuja muri Afrika y'Epfo biyongeye gushika ku 150% kuva iyo ngingo yo ku wa kane itangajwe. Umuvugizi yavuze ko kworosha ayo mategeko ari ""intambwe nziza"" ariko avuga ko Ubwongereza bukwiye gukurikira Ishirahamwe rya Buraya na Amerika mu kuvanaho ivyo kwipimisha vyose ku bantu baba bararonse incanco zose za Covid batututse muri ivyo bihugu vy'ivyago bike mu gukwiragiza umugera. Reta y'Ubwongereza yatangaje umugambi wo gusubiriza ingingo itegeka kugirisha igipimo ca Covid ca PCR ku munsi ugira kabiri ushitse muri ico gihugu, igipimo gishobora gusaba amafaranga y'Ubwongereza pound 75 (ibihumbi birenga 200.000 mu mafaranga y'Uburundi) ku muntu, abagenda mu Bwongereza bakaba boca basabwa kurungika ifoto y'igipimo kinyaruka bakoresheje cerekana ko ata mugera babasanganye. Isoko ryo muri reta rivuga ko ishaka gushiraho iyo ngingo hakiri kare imbere y'uko hatangura uburuhuko bwo mu mwaka hagati, ubwo nabwo ku mashure menshi bukaba buzotangura itariki 22 ukwezi kw'icumi. Ikibuga c'indege ca Heathrow cavuze ko kumenyesha ryari iyo ngingo izotangurira gukora ""arico kibuze"" kugira ngo ubwo buruhuko bube intango nshasha ku batari bake. Izo ngingo nshasha zituma kandi vyoroha ku ngenzi zaronkeye incanco mu bihugu 37 - birimwo Brezil, Ghana, Hong Kong, India, Pakistan, South Africa na Turkey - kugira urugendo mu Bwongereza. Mu gihe ata gihugu kiri ku turonde rutukura bagendeye mu minsi 10 imbere yo kuja mu Bwongereza, bazofatwa co kimwe n'ababa mu Bwongereza baronse incanco zuzuye. Vyose: Ibihugu 47 vyavanywe ku rutonde rutukura rw'Ubwongereza Kuva ku wa mbere isaha cumi zo mu gitondo mu masha y'ici yo mu Bwongereza (isaha 11 zo mu gitondo mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, ibihugu bikurikira bizova ku rutonde rutukura rw'Ubwongereza: Afghanistan, Angola, Argentina, Bolivia, Botswana, Brazil, Burundi, Cape Verde, Chile, Congo (Republique Democratique du), Costa Rica, Cuba. Eritrea, Eswatini, Ethiopia, French Guiana, Georgia, Guyana, Indonesia, Lesotho, Malawi, Mayotte, Mexico, Mongolia, Montenegro, Mozambique, Myanmar, Namibia, Nepal, Paraguay, Philippines, Réunion, Rwanda, Seychelles, Sierra Leone, Somalia, South Africa, Sudan, Suriname, Tanzania, Thailand, Trinidad and Tobago, Tunisia, Uganda, Uruguay, Zambia na Zimbabwe." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58840265 +health OMS/WHO ifise ubwoba bwinshi kuri Covid yasubiye kuvyura umugara i Bulaya "Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu rifise ""ubwoba bwisnhi cane"" ku kiza ca Covid-19 casubiye kuba nsane i Bulaya mu gihe uyu mugabane uriko urarwana n'igihuhusi gishasha c'abandura. Avugana na BBC, Dr Hans Kluge arongoye iri shirahamwe kuri uyo mugabane agabisha ko abantu bashika ku 500.000 bashobora kuba bamaze guhitanwa n'iki gihuhusi gishasha kiretse hagize igikorwa kugira ngo bagihagarike. Dr Kluge avuga ko mu gihe abantu bosubira kwambara udupfukamunwa vyofasha kugihagarika. Aka kamo gatewe mu gihe ibihugu bitari bike bitangaza ko ibitigiri vy'abandura vyasubiye kuduga ku rugero ruteye ubwoba, ivyatumye bisubira gufata za ngingo za guma mu rugo. Dr Kluge avuga ko bimwe mu bituma ibitigiri vy'abandura bisubira kuduga harimwo ikirere ca kino gihe c'urushana, ibitigiri bito vy'abicandagisha hamwe n'ikwirakwira ry'ubwoko bushasha bwa Covid-19 buzwi nka Delta bwandukira cane. Atera akamo ko abantu bokwicandagisha bakongera bagakurikiza ingingo shingiro z'isuku, hakongerezwa n'iyindi miti mishasha yo kuvura abanduye, ngo ibi vyofasha kugabanya ibitigiri vy'abandura. Yabwiye BBC ati: ""Covid-19 yasubiye gufata ikibanza ca mbere mu bihitana abantu mu karere kacu, kandi igikwiye gukorwa turakizi kugira ngo turwanye uwu mugera"". Dr Kluge avuga ko impera n'imperuka hofatwa ingingo zitegeka abantu kwicandagisha, ariko ko vyoba vyiza habaye ibiganiro kuri iki kibazo. Avuga ati: ""Imbere y'aho, hariho ubundi buryo nko gukoresha igitabo c'inzira ca Covid (Covid pass)"", akongerako y'uko ibi atari mu ntumbero yo ""guhonyanga ubwigenge bwa muntu, ko ahubwo ari uburyo bwo kubungabunga ubwigenge bwacu"". Ku wa gatanu, igihugu ca Autriche cabaye ica mbere ku mugabane wa Bulaya gitangaza ko kwicandagisha Covid-19 ari itegeko, kandi ko rizotangura kuja mu ngiro mu kwa kabiri, mu gihe ingingo zizoyiherekeza zikiriko zirigwa. Hagati aho, ejo ku wa gatandatu ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu barihaye amabarabara ku mugwa mukuru Vienna biyamiriza iyi ngingo. Benshi muri bo bari bafise ivyapa vyanditseko ngo ""Ntavy'incanco ng'aho"" na ""twaduhiwe"". Hari ibindi bihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Bulaya biriko birafata ingingo ruhasha kubera ibitigiri vy'abandura biriko biriyongera. Bimwe muri vyo biranategekanya ingingo za guma mu rugo mu gihugu cose mu gihe vyoba ngombwa." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59363963 +health Coronavirus – Burundi: muri rya sekeza 'Ndakira, sinandura kandi sinanduza', 67 baranduye "Mw'isekeza ryo gupima umugera wa coronavirus rimaze indwi mu gisagara ca Bujumbura, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi bumenyesha ko abantu bashika 67 aribo basanze baranduye, mu barenga 3200 bapimwe. Kuva uwo mugera umenyekanye mu gihugu, igitigiri c'abamaze kuwandura gushika ubu kikaba ari 269, muri bo 207 bakaba barayikize, nayo 61 bakaba aribo bakiyirwaye. Umwe niwe amaze guhitanwa n'uwo mugera, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kurwanya ikiza SIDA. Ku munsi wa mbere w'indwi iheze, niho iryo sekeza ryataziriwe, ""Ndakira, sinandura kandi sinanduza"" ryatangura, ibigo bitatu bikaba ari vyo vyakira abaje kwipimisha mu gisagara ca Bujumbura imbere y'uko gitangura hagati mu gihugu. Icegeranyo nkonganirizahamwe gihejeje gutangwa n'umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi, Dr Jean-Bosco Girukwishaka, abicishije ku rubuga rwa Twitter, cerekana ko gushika uno munsi abantu 6697 ari bo bamaze gupimwa umugera wa Covid-19 kuva utangajwe muri ico gihugu, hari ku wa 31 z'ukwa gatatu 2020. Mu ndwi iheze, abitavye iryo sekeza bakaba bageze ku 4553, muri bo 3309 bakaba ari bo batowe kugira ngo bapimwe, hakaba hamaze gupimwa 3263. Iryo sekeza rizomara amezi atatu rizotuma leta imenya ingene indwara ya Covid-19 yifashe mu gihugu, nk'uko bishikirizwa na Dr. Girukwishaka U Burundi bwaragirijwe ko bwafashe minenewe uwu mugera, mbere amashirahamwe amwe amwe akaba yabwagiriza ko butanga ibiharuro bitari vyo, ibirego abategetsi bamirira kure. Hagati aho, kva Perezida Evariste Ndayishimiye ashikirijwe amabanga yo kurongora igihugu, kimwe mu bibazo nkoramutima yatangaje ko agiye guhangana navyo vuba bwango ni ikiza ca coronavirus. ""Ubu nyene dutanguje isekeza ryo kurwanya ico kiza mu Burundi twise 'Ndakira, sinandura kandi sinanduza'"". Igihe leta yiwe nshasha irahira, Perezida Ndayishimiye yaboneyeho bo gutangaza ingingo zitari nke zo guhangana nayo, anasaba abanyagihugu bose kuvira hasi rimwe kugira ngo barwanye iki kiza karanda." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53390379 +health Afrika yoba yiteguriye kurwanya coronavirus? Afrika yoba yiteguriye kurwanya coronavirus? https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51802660 +health UK: Ingene abana 175 bandujwe umugera wa SIDA "Abana barenga 150 bari bafise ingwara y'amaraso atavura izwi nka haemophilia/hémophilie barandujwe umugera wa SIDA mu myaka ya 1980, nk’uko biri mu nyandiko z’ububiko bw’igihugu zabonywe na BBC. Imwe mu miryango yahuye n’izi ngorane iravuga ingene vyagenze mu matohoza y’igihugu ku gifatwa ko ari akaga k’agahomerabunwa mu buganga muri kahise k’ikigo c’Ubwongereza kijejwe amagara y’abantu, NHS. Haraciye imyaka hafi 36 – mu mpera z’ukw’icumi 1986 – ariko Linda ntazokwigera yibagira umusi abwirwa ko umwana wiwe w’umuhungu yari yandujwe umugera. Ibitaro vy’abana vya Birmingham (Birmingham Children's Hospital), vyaramutumyeko, ari kumwe n’umwana wiwe w’umuhungu Michael yari afise imyaka 16. Igihe yari acavura, yarapimwe asanga yari arwaye haemophilia, ingwara yo mu muryango ituma amaraso atavura neza. Linda yibaza ko uwo mubonano wari ukuvugana ingene yokwungururizwa mu bitaro bikuru vyitiriwe Umwamikazi Elizabeth (Queen Elizabeth Hospital) muri ico gisagara. Ati: ""Vyari ibintu dusanzwe tumenyereye ku buryo umugabo wanje yigumiye mu modoka hanze. ""Ubwo nyene, nk’igitangaro, muganga yavuze ati, 'Ni vyo, Michael yaranduye umugera wa SIDA', kandi nyene yabivuze nk’uko umengo yariko aravuga ingene ikirere cifashe hanze. Numvise ivyari mu nda bihiye. ""Twarinjiye mu modoka, ndabibwira umugabo wanje, duca turanuma gushika muhira. Nta wigeze avuga – twakubiswe n’inkuba”. Hari hakiri mu myaka ya mbere y’uwu mugera wa SIDA – hasigaye amezi make imbere y’uko isekeza rya reta ryacishwa ku mboneshakure ryiswe Don't Die of Ignorance (Ntiwicwe n’ukutamenya) ritangura kwigisha buri Mwongereza ivyerekeye iyi ngwara. Ariko kunena umuntu yanduye uwu mugera vyari vyamaze kwisasira indava. Mu 1985,  abavyeyi batari bake bari bamaze gukura abana babo mw’ishure ry’intango ryo muri Hampshire inyuma y’aho umwana w’imyaka icenda  - nawe nyene yari afise iyi ngwara ya haemophilia – apimiwe agasanga yaranduye umugera wa SIDA. Michael ntiyashaka ko abagenzi biwe canke mu muryango babimenya. Linda ati: ""Uko niko yavyitwayemwo – yavyigumijemwo”. ""Ntiyigeze abwira na kimwe abagenzi biwe kuko yipfuza kubaho mu buzima busanzwe"". Hagati ya 1970 na 1991, abantu 1250 bari bafise ibibazo vyo mu maraso barandujwe umugera wa SIDA  mu Bwongereza inyuma y’aho bafatiye umuti witwa Factor VIII – umuti mushasha wari uje gukoreshwa mu kuvura iyo ngorane. Muri aba harimwo abana 175 bahawe uwu muti n’abaganga b’ikigo NHS mu bitaro, mu mashure canke mu bigo bivurirwamwo iyi ngwara ya haemophilia. Abandi ibihumbi n’ibihumbi bavugwa ko bandujwe ingwara y’igitigu co mu bwoko bwa C (hépatite C/hepatitis C) ishobora gutuma igitigu cononekara canke kikagwara kanseri, haba mu kuvurwa iyi ngwara uku nyene canke mu guterwa amaraso. Hafi igice c’abo bose bandujwe umugera wa SIDA barapfuye bishwe n’ingwara z’ivyuririzi imbere y’uko hatangura kuboneka imiti yo gupfupfahaza. Ico gihe, Ubwongereza ntibwari bwikwije mu bubiko bw'amaraso aterwa abantu iyo bikenewe, rero uwo muti Factor VIII washika mu gihugu uvuye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Agapaki kamwe kamwe kaba kagizwe n’uruvange rw'amaraso yatanzwe n'ibihumbi vy'abantu. Rero, iyo umwe muri bo yaba yaranduye umugera wa SIDA, waca ukwiragira hose. Amakompanyi yahingura imiti muri Amerika yaraha amafaranga abantu kugira baze gutanga amaraso – kandi muri bo harimwo n’imirwi yari ifise ivyago vyinshi vyo gushobora kwandura, aha ni nk’abapfungwa canke abafata ibiyayuramutwe. Linda aribuka igihe abwirwa ubwa mbere ivyerekeye SIDA mu nyigisho zabereye ku bitaro vy’abana vya Birmingham mu 1984 akanagabishwa ko yoza arihweza ibimenyetso bimwe bimwe. Ariko avuga ko umuryango utigeze wigishwa neza akaga kawuhanze – igihe kimwe umuforoma yamubwiye ko atogira ubwoba, ko “Michael yari ameze neza”. Ico gihe cose, umuhungu wiwe yabandanije avurwa hakoreshejwe uwo muti wari wavuye muri Amerika. Mu mpera z’imyaka y’ubusore bwiwe, Michael yatanguye kugira ibibazo vy’amagara – guhera ku kubira icuya mw’ijoro  gushika aho atangura kumeneka umutwe hanyuma agafatwa n’igicurane. Ariko yabandanije abaho mu buzima busanzwe  - afata ingendo, yumviriza umuziki mbere abandanya ashigikira umurwi w’umupira w’amaguru, West Bromwich Albion. Linda ati: ""Ico gihe hari urukino rukomeye ku kibuga ca Wembley kandi ico gihe yari ameze nabi, nabi cane”. ""Rero twararyohoye imodoka yose hanyuma aragenda guhura n’abagenzi biwe. Uko yiyumva ntaco vyari bitwaye, ashoboye gushikayo, nta ngorane”. Mu nyuma mu buzima bwiwe, abasoda b’umubiri batanguye kugabanuka, Michael yaratakaje ibiro, atangura kwumva uburuhe, n’ubwonko buratakara. Yahavuye yungururizwa mu bitaro vya Heartlands muri Birmingham, ari naho Linda, inyuma yo guheba akazi kiwe k’ubuyaya mu kigo c’abakukuruke, yabandanije amufashiriza n’aho yari mu mezi make yiwe ya nyuma y’ubuzima bwiwe. Linda ati: ""Yambwiye ati, 'Mama, ntuzigera uba inakuru', nanje mvuga nti, 'Ntugire ingorane kuri ico’. Ico nico nashoboye kwiyumvira nari kuvuga”. Michael yafashwe na mugiga be n’umusonga – zompi zatewe n’umugera wa SIDA  yandujwe akiri umwana. Yahavuye apfa ku wa 26 Rusama (5), 1995, hasigaye neza na neza indwi imwe gusa ngo agire isabukuru y’imyaka 26 y’amavuka. Inyuma y’imyaka hafi 30, Linda aratanga ivyemezo kuri ano matohoza y’igihe kirekire kuri kano kaga kabaye mu buvuzi. Azorenguka ari kumwe n’abandi bavyeyi, mu nama idasanzwe ijanye nivyo imiryango yaciyemwo mu kubona abana babo banduzwa umugera mu myaka ya 1970 na 1980. Ati: ''Numva ko ari ngombwa ko ndabikora kuko nshaka gufasha kugira ngo ukuri kumenyekane”. ""Twese dushaka kumenya igituma baretse bikaba kandi bikabandanya uko nyene”. Linda yasavye ko izina ryiwe ry’umuryango rinyegezwa" https://www.bbc.com/gahuza/articles/cx8wey1x17wo +health Umushikiranganji wa Sri Lanka yahimiriza umuti kama wa Covid yasanze yanduye Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Sri Lanka yari asanzwe ahimiriza umuti kama w'amazi mu ntumbero yo kurwanya Covid, yasanze yaranduye uwu mugera. Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu, yabwiye BBC ko umushikiranganji Pavithra Wanniarachchi yapimwe ku wa gatanu agasanga yaranduye. Yarahimirije cane uwu muti w'amazi wahinguwe n'umupfumu avuga ko ukora nk'urucanco rw'uwu mugera ubuzima bwose. Kuva iki kiza caduka, Sri Lanka imaze kugira abantu 56.076 banduye hamwe na 276 bapfuye, ibiharuro vy'abandura bikaba vyasubiye kuduga kuva mu mezi aheze. Umupfasoni Wanniarachchi abaye umushikiranganji wa kane yanduye coronavirus. Hari uwundi mushikiranganji na we nyene yari yafashe uwu muti yapimwe mu ntango z'iyi ndwi agasanga yaranduye. Uyu mushikiranganji w'amagara y'abantu, yarawunyoye imbere y'abantu kugira atange akarorero, yongera atanga uruhusha rwo kuwukoresha mu guhagarika ikwirakwira ry'uwu mugera. Uyu mupfumu yakoze uwu muti usanzwe urimwo ubuki n'urubuto rw'igiterwa citwa muscarde avuga ko yeretswe mu ndoto ingene yowuhingura. Abaganga bo muri ico gihugu bari biyamirije amakuru yavuga ko uwu muti ukora, ariko itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bamwirukiye kugira ngo awubaronse. Umupfasoni Wanniarachchi yipimishije covid-19 incuro zibiri, kandi inyishu zose zaje zerekana ko yanduye, nk'uko bitangazwa na Viraj Abeysinghe, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu yabibwiye BBC. Uyu mushikiranganji yaciye asabwa kwitaramura, eka n'abamwegereye bose baciye bataramurwa. Iyi nkuru y'umupfasoni Wanniarachchi yaje haciye amasaha make Sri Lanka yemeje ikoreshwa rya rwa rucanco rwahingurwa na Oxford/AstraZeneca. Incanco za mbere zitegekanijwe gushika mu gihugu mu ndwi iza. Sri Lanka si co gihugu conyene abantu bafise ibibanza mu butegetsi bahimirije imiti itemejwe mu kuvuga ko ivura Covid-19. Mu mwaka uheze, umukuru w'igihugu ca Madagascar Andry Rajoelina yaraneguwe igihe ahimiriza umuti kama yavuga ko ushobora kuvura uwu mugera. Yarerekanywe ariko aratanga uwo muti mu banyagihugu ba ntahonikora bo ku mugwa mukuru w'ico gihugu. Kuva iki kiza cadutse, hari abategetsi batari bake b'ibihugu bikomeye bamaze kucandura. Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson hamwe n'uwahoze ari umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, bose bari mu banduye iki kiza mu bihe bitandukanye mu mwaka uheze. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55785547 +health Urukingo rwa Covi-19: Habonetse urikingo rwa mbere rurinda iyo ndwara gushika ku 90% "Urukingo rwa mbere rugaragaza icizere rurashobora kukingira 90% vy'abantu banduye Covid-19 nk'uko umwihwezo wambere wavyerekanye. Abakoze urwo rukingo - Pfizer and BioNTech - bavuga ko ivyashitse babibona ""nk'umunsi uhambaye ku buhinga mu bumenyi hamwe n'ikiremwa muntu"". Urukingo rwabo rwageragejwe ku bantu 43.500 mu bihugu bitandatu kandi nta mwitwarariko ku ngaruka zarwo wigeze ubaho. Ivyo bigo bitegekanya gusaba guhabwa uruhushwa rwihutirwa kugira urwo rukingo rutangure gukoreshwa mu mpera za kuno kwezi. Urukingo - hamwe n'ubuvuzi bwisununuye - rubonwa nk'uburyo bwa mbere bwiza bwo gukura abantu mu mategeko ya guma muhira, yashizweko mu bihugu bitari bike bigahungabanya kubaho gusanzwe kw'abantu. Hari inkingo zirenga mirongo ibiri ziri ku ntambwe ya nyuma y'igerageza - izwi nka phase 3 trial (umuce wa 3 w'igerageza) - ariko uru rukingo nirwo rwa mbere rutanze inyishu. Rukoresha uburyo butaribwakoreshwe ahantu na hamwe - burimwo gutera mu muntu igice c'akagingo ndangakamere k'uwo mugera - kugira bamenyereze abasoda b'umubiri kurwanya uwo mugera. Ukugerageza kwa mbere kwerekanye ko urwo rukingo rumenyereza umubiri ukavyara abasoda - hamwe n'ikindi gice kigize ukwikingira kw'umbiri kizwi nka T-cells mu kurwanya coronavirus. Hakenerwa guterwa urushinge rw'uru rukingo inshuro zibiri zitandukanijwe n'ikiringo c'indwi zitatu. Kugerageza - muri Amerika, Ubudage, Brezile, Argentine, Afrika y'epfo na Turkiya - kwerekana ko gukingirwa gushika ku rugero rwa 90% bishikwako nyuma y'iminsi indwi uhawe urukingo rwa kabiri. Pfizer cemeza ko kizoshobora gutanga inkingo miriyoni 50 gushika mu mpera z'uno mwaka, kikazotanga izishika umuriyaridi 1,3 gushika mu mpera z'umwaka wa 2021. Ariko hariho ibibazo bijanye n'ububiko, kuko urwo rukingo rugomba kubikwa mu bukanye buri ku rugero rwa dogere 80 munsi y'ubusa (-80C). Hari kandi ibibazo vyo kumenya igihe uburinzi mu mubiri bumara kandi ivyo bigo ntivyatanze amakuru y'ukuntu urwo rukingo rwitwara mu nganwe zitandukanye. Dr Albert Bourda, umuyobozi wa Pfizer, yagize ati: ""Turi hafi y'intambwe ikomeye yo kuronsa abantu hirya no hino kw'isi agahengwe banyotewe mu gufasha guhagarika iki kiza kibangamiye amagara kw'isi."" Prof Ugur Sahin, umwe mu bashinze ikigo BioNTech, yavuze ko ivyashitsweko ari ""intambwe y'akataraboneka"". Ibiharuro vyashikirijwe ntivyavuye mu mwihwezo wa nyuma. Vyafatiye ku bakorerugushaka bambere 94 banduye Covid - kumenya neza na neza yuko uru rukingo rukora birashobora guhinduka igihe kwihweza neza ingene rukora bizoba vyaheze. Ibi bigo bivuga ko bizoronka ibiharuro nyavyo vyerekana ko ataco uru rukingo rutwaye ku magara mu ndwi ya gatatu y'ukwezi kwa cumi na rimwe, bace bashikiriza uru rukingo inzego zemeza ko rukurikije amategeko. Ico gihe kitaragera, ntibishoboka ko ibihugu bitangura amasekeza yavyo yo gukingira abantu. Ubwongereza buramaze gutumiza inkingo imiriyoni 30." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54875091 +health Covid-19: AU yahevye umugambi w'urukingo rwa AstraZeneca Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, AU, ryahevye umugambi wo kuronswa inkingo za coronavirus zovuye mu kigo co mu Buhinde, Serum Institute of India, kubera impungenge zo kuzishikana. Ahubwo AU iriko irihweza gukorana n'ikigo gihingura imiti co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Johnson & Johnson. Umukuru w'ikigo kijejwe gukumira indwara muri Afrika (Africa's Centres for Disease Control), John Nkengasong, yavuze ko kwizezwa kuronka imiti ari ikintu nyamukuru - kandi yuko ingingo zikumira kwoheraza hanze iyo miti zafashwe n'Ubuhindi ziteje ingorane kuri Afrika. Yongeyeko yuko icemezo ca AU ataho gihuriye n'impungenge z'uko urukingo rwa Oxford-AstraZeneca rushobora, ku buryo bushika gake cane, gutera kuvura kw'amaraso. Urwo rukingo rwategerezwa kuronswa umugabane wa Afrika biciye mu mugambi wa ONU uzwi nka Covax, uronsa urwo rukingo ibihugu bitishoboye. Ikigo co mu Buhinde, Serum Institute, gifise uruhusha rwo gukora inkingo za AstraZeneca ariko leta y'Ubuhinde yarihebeye ububiko bwose bw'urwo rukingo mu gihe kwandura vyiyongera cane muri ico gihugu. Bwana NKengasong yavuze yuko AU imaze kugirana amasezerano n'ikigo Johnson & Johnson, yo kuronswa inkingo imiriyoni 400. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56683250 +health Coronavirus: Mbe urukingo ruzodusubiza ubuzima nk'ubwo twahorana? "Benshi muri twebwe baripfuza ko urucanco rushasha kandi rukora neza rwa coronavirus rudusubiza mu buzima bwacu twahoramwo imbere y'ico kiza. Ariko benshi mu bahinga bavuga ko n'aho urwo rucanco rwoboneka, guca duta kure udupfukamunwa atari ivyo ubu vuba. Guma umanuka hepfo ↓ umenye ingene urukingo rukora unamenye n'igituma hakenewe gukingira abantu benshi bashoboka kugira dusubire mu buzima bwo kutegerana kure na kure. Incanco, nka hose zifatwa nka kimwe mu bintu ubuvuzi bwashitseko gihambaye mu bihe vya none kw'isi yose. Buri mwaka, zirokora ubuzima bw'abantu bari hagati ya miriyoni zibiri na zitatu, zigakinga ingwara zigeramira amagara y'abantu zirenga 20, nk'uko bimenyeshwa n'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS. Ingwara z'abana zari zimenyerewe cane mu myaka iheze zigenda zigabanuka cane. Ibihara - vyishe abantu imiriyoni n'imiriyoni - vyaratujijwe burundu. Ariko vyafashe imyaka mirongo kugira iyo ntambwe ishikweko - kandi benshi muri twebwe ubu twiteze incanco za coronavirus zikora neza kugira dushike ku ntambwe nk'iyo mu gihe gito cane. Inkuru zivuga ko zimwe mu ncanco zanyarutse kuboneka zokora ku bice 90% - bisigura ko abantu 9 kuri 10 bahawe izo ncanco bashobora kutandura Covid- 19 - vyatumye bamwe bizera ko bagiye gusubira kwegerana, banajugunyire kure udupfukamunwa. Muri Amerika no mu Bwongereza aho kwemeza izo ncanco bigiye kuba vuba vyihuta no gucandaga abantu bose bikaba biriko birategurwa, bamwe batanguye kuvuga ko bagiye gusubira mu bihe bisanzwe mu misi ya vuba. Ariko bamwe mu bahinga hamwe n'abashakashatsi mu vyo amagara y'abantu baragabisha ko incanco, zizoba ari nke mu ntango, kandi zigenewe imigwi yatoranijwe, n'aho zizokingira imigwi igeramiwe cane n'abakozi mu vyo amagara y'abantu baza imbere mu kugwanya ico kiza, zitariko ziratuma dusubira mu buzima bwa kera twari tubayemwo ubu vuba. Uwurongoye WHO/OMS Tedros Ghebreyesus, yagize ati: ""Urucanco ruzokwunganira ubundi buryo dufise, ntiruzobusubirira. Urucanco ubwarwo ntiruzorandurana n'imizi ico kiza."" Insiguro ku ntera iri hagati y'ivyitezwe - hagati y'icizere kuri bamwe mu banye politike hamwe n'abanyagihugu ku ruhande rumwe, hamwe n'amakenga ya benshi mu bahinga ku rundi ruhande - bishobora, kutihwezwa neza ingene ari igikorwa kitoroshe kuronka incanco zikwiye ku bantu zigenewe. Ico benshi muri twebwe tutabona, n'uko iyo tuvuze ingwara zandukira - zirya ziva ku muntu zija ku wundi - kugira mu vyo ukuri ukingire buri muntu, dukeneye gucandaga igitigiri kinini. Ibi ni ukubera ko inguvu z'urucanco zidahagaze ku bushobozi rufise bwo kudukingira ku giti cacu, n'ubushobozi rufise bwo gukingira abantu bose batwegereye, no mu mibano aho tubaye. Fata akarorero ka Shona ngaha. Ikibazo za Shona, twebwe hamwe no mu mibano yacu n'uko ata rucanco na rumwe rukora ijana kw'ijana. Urucanco rw'agasama ni rumwe muri nziza kandi rukingira hagati y'ibice 95% - 98% vy'abantu. Incanco za Covid- 19 ziherutse gushirwa ahabona za Pfizer/BioNTech na Moderna zifise ubushobozi burenga 90%, basanze ari zike kandi ntituramenya nimba ivyo biharuro bizogenda bigabanuka uko umwanya ugenda canke bivanye n'ahandi ziriko zirageragerezwa atari kwa muganga. Ivyo bisigura ko hafi umuntu umwe kw'icumi ashobora kutazokingirwa Covid- 19 - n'aho twocandaga buri muntu. Mu gihe urucanco rutoshika hose ijana kw'ijana, ivyo na vyo bikaba bisa n'ibidashoboka mu mugambi uwo ari wose wo gucandaga, igitigiri c'abantu bageramiwe gishobora kwongerekana. Bashobora kuba mubo iyo ngwara igeramira gusumba - dusanzwe tuzi abatama urucanco rudafata neza, n'aho incanco za coronavirus zerekanye inyishu nziza kuri abo twariko turavuga. Mu gihe wokingira gusa abasanzwe bageramiwe, uzohagarika impfu zahora zibahitana muri uwo mugwi, ugabanye umuzigo ku bitaro vyahora bibakira, ariko ntibizohagarika ukwanduzanya, nk'uko bivugwa n'uwahoze ashinzwe igisata co gucandaga mu Bwongereza, Prof David Salisbury. Hejuru y'ivyo, bamwe mu mibano, ku mvo z'amagara, nk'abantu bari ku miti itandukanye ya cancer, bashobora kutazopfa bacandazwe. Ibi bisigura ko igitigiri kinini c'abantu batwegereye bazoguma bageramiwe n'iyo ngwara. Bamwe mu bagenzi bacu n'imiryango bashobora kuba bari muri abo. Ariko haracari inzira zo gushobora gukingira mu bundi buryo buri muntu wese - n'ukuraba ingene abantu bokingirwa ari benshi cane. Mu gihe twocandaga abantu bakwiye mu gihugu, hari ikintu kidasanzwe coshika. Tuba dushizeho amabariyeri ataboneka atuma ahagarika ukwanduzanya, mu bundi buryo bigakingira abantu bacu basanzwe bageramiwe hamwe n'umuryango. Ibi rimwe na rimwe bavyita gukingira abanyagihugu canke gucandaga. Uku ni ko bigenda. None ni bangahe muri twebwe bazokenera urucanco rwa coronavirus? Ivyo gushika ubu tutaramenya - kandi ni ngombwa kugira umenye uko wokingira bose - ni ku rugero rungana gute urucanco rwa Covid- 19 rushobora kubuza ukwandukizanya, canke rwica imigera. Dushobora kubanza kurindira umwanya muto kugira tumenye ibi bintu neza, ariko abahinga bakoze urucanco rwa Pfizer/BioNTech bavuga ko hari amahirwe ko n'imiburiburi rumwe muri zo rushobora gufasha kugabanya ayo mahirwe make. Ariko n'aho twokwemeza ko ifasha mu kutandukizanya, igitigiri c'abantu bazokenera guhabwa urwo rucanco mu ntumbero yo gukingira abageramiwe gusumba kiri hejuru cane. Ibi ni ukubera, n'aho hoba harimwo urugero runini rw'umuti mu rucanco rukora neza, igitigiri kinini c'abantu benshi kiguma kigeramiwe, nk'uko bivugwa na Prof David Salisbury, yahoze arongoye igisata co gucandaga mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Bwongereza akaba ari n'umushakashatsi mu kigo ca Chatham House. Ibi ni ibiharuro bisanzwe, ni ko abisigura. Iki ni co gituma abahinga bavuga ko, gushika turonke incanco zo guhama abantu batari mu migwi igeramiwe na Covid- 19 gusa, kandi hagashikirwa igitigiri kinini c'abantu, ingingo yo kutegerana ntiriko iravanwaho vuba. Prof Salisbury agira ati: ""Mu gihe ukingiye abageramiwe gusa, urahagarika impfu ziba muri uwo mugwi, ukagabanya n'umuzigo ku bitaro, ariko ntibihagarika ukwanduzanya."" Abandanya avuga ko ukwanduzanya bibandanya hagati y'abantu batacandazwe, bashobora gukwiragiza iyo ngwara mu bantu bageramiwe ariko batacandazwe no mu bageramiwe bacandazwe ariko urucanco rutafashe neza. [Urucanco] ruzorangiza ico kiza, ni ikibazo gusa co kumenya ni ryari, kandi biragoye kumenya kubera kuronka uru rucanco gusa ari ikibazo gikomeye, nk'uko bivugwa na Azra Ghani, umuhinga mu vyo ingwara zandukira kuri Imperial College London. Ibi nta nkeka bisigura ko mu kwirinda ko haba uduce habamwo iyandukizwa no kubangamira abagenzi bacu bageramiwe hamwe n'imiryango mu mibano, dukeneye gucandaga ku rugero runini abantu bari mu myaka yose hirya no hino mu turere. Uravye ingene kw'isi ubu abantu babonana uravye uko biyunguruza hamwe n'ubudandaji, ibi bisigura ko vyokorwa muri buri gihugu kw'isi yose. Prof Salisbury avuga ati: ""Iki ni ikiza cakwiye hose, si ikiza co ku rwego rw'igihugu, rero n'ukugihagarika hose hanyuma, imbere yo gukora ivyo, nta muntu n'umwe atageramiwe."" Kuri ubu umugambi wo ku rwego rw'isi wo gutanga urukingo wibanda ku bahakwa cane kwandura hamwe n'abakora mu vyo amagara y'abantu, bakasonswa inkingo nkeya zimaze kuboneka ubwa mbere. Ariko bimwe mu bihugu biza vyaramaze kuvuga ko bifise umugambi wo gucandaga n'abatari mu migwi igeramiwe mu gihe incanco zoba zibonetse, harimwo Amerika n'Ubwongereza. Uwurongoye igisata c'amagara y'abantu mu Bwongereza, NHS (UK's National Health Service), yavuze ko bizofata gushika mu kwezi kwa kane kugira abageramiwe bose baronke urucanco - ariko intumbero ya reta n'iyo gucandaga abantu benshi bashoboka bafise imyaka irenga 16. Muri rusangi, WHO igereranya ko hagati y'ibice 65% na 70% vy'abantu bazokenera urucanco imbere y'uko ukwandukizanya bihagarara, abantu bose bagakingirwa hanyuma kuri buri muntu no muri buri kibanza bikamenyekana ko iyo ngwara atayikihavugwa. Prof Azra Ghani, umuhinga mu vyo ingwara zandukira kuri Imperial College London, yaminuje muvyerekeye ibiharuro vy'ingwara zandukira, yibaza ko dukeneye gushika ku bice 70% kugira ""iyo ngwara ibe itakivugwa"". Yemeza ko bishoboka gushika kuri ico cipfuzo co gusubira mu buzima busanzwe, ariko ko kubishikako bisaba guca mu nzira zigoye, mbere n'aho ata nzitizi zohaba. ""Bizorangiza iki kiza, n'ikibazo c'ukumenya ryari, bikaba binagoye kuvyitegurira kuko kuronka uru rucanco ari vyo vyari bigoye cane."" Gucandaga igice kinini c'abantu imiliyoni 68 bo mu Bwongereza, kazoba ari akazi kanini, udashizemwo gushikira abantu baba kw'isi yose bashika imiriyaridi 7.8. Nta kintu na kimwe cari bwagere kuri uru rugero. Izo ncanco n'ibikoresho bijana - nk'aho zibikwa - bitegerezwa gukorwa ari vyinshi cane. Abakora incanco bashobora kutaronka izizoba zikenewe zose. Izo ncanco kandi zirakeneye kuvanwa aho zikorerwa zijanwa mu mavuriro - harimwo ayari kure cane, no mu turere tugoye gushikamwo hirya no hino kw'isi. Zimwe muri izo ncanco zikeneye kandi kubikwa ahantu hakanye, nk'akarorero urucanco rwa Pfizer rukeneye kuguma mu kibanza gifise ubushuhe bungana na -70 (-94F). Ikigo kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza kiza caramaze gutegura ibigo bizocandagirwamwo abantu benshi bifise ibikoresho bikwiye, inyuma y'aho ico gihugu kibereye ica mbere kw'isi kwemeza urucanco rwa Pfizer. Ariko ku bandi, ingorane zizoba nyinshi. Kompanyi ikomeye y'abadagi izwi cane mu gutwara ibintu, DHL, yaragabishije ko ibice binini vyo muri Afrika, Aziya na Amerika y'epfo, bidafise ahantu hakanye hakwiye hegereye aho izo ncanco zoshikanwa, co kimwe n'ububiko bukwiye, ivyo bikaba ""bishobora gutera izindi ngorane"" zo gushikana incanzo aho zikenewe. Hari kandi iyindi nzitizi ishobora gutuma haba ukutanyarutsa gushikira abantu bakwiye mu gukingira abageramiwe. Abategetsi mu vyo amagara y'abantu bategerezwa kugondoza abantu benshi ""bafise amakenga kuri izo ncanco"" - ukwiyongera kw'abantu bagikekeranya kwicandagisha - ibibonwa nka kimwe mu bintu cumi biza kw'isonga bigeramiye uwo mugambi w'amagara y'abantu wa WHO. Mu Bwongereza, ibice hafi 36 kw'ijana vy'abantu bavuze ko batazi canke bashobora kutazokwicandagisha, nk'uko icegeranyo c'amatohoza yakozwe n'ibigo vya British Academy na Royal Society kibivuga. Ibiharuro nk'ivyo kandi vyarabonetse mu matohoza ya YouGov mu kwezi guheze. Ayo makenga ku rucanco, hakiyongerako ibihuha vyinshi kuri urwo rucanco - ivyiswe umuhari wiyemeje kugwanya urwo rucanco - bizotuma bigorana gukingira abantu no kurushikana mu bindi bihugu vyinshi. Prof Ghani avuga ko gusigurira neza abantu bategerezwa kuronka urucanco ariko bumva ko "" batewe ubwoba"" n'ingene urucanco rwa Covid- 19 rwanyarutse gukorwa, kizoba igikorwa gikomeye mu gucandaga abantu benshi mu Bwongereza. Yavuze ko akazi kanini ko kugondoza abantu no kwitaba amasango kazoba gasigura urugero rwo gutera intambwe yo gukingira abantu ""buhoro buhoro"". Uretse ubuhinga n'ibibazo vyo gushikana urucanco mu Bwongereza hose no kw'isi, inkuru nziza n'uko bisa n'uko incanco za mbere zizogira ico zishitseko mu rugamba rwo kurwanya Covid- 19. Mu kiringo gito, zizofasha abageramiwe cane gusumba abandi mu gihugu kutaremba cane hanyuma ngo bapfe, cane cane abasaza hamwe n'abakora mu gisata c'amagara y'abantu. Itangazo rya Pfizer/BioNTech ko urucanco rwabo ruzokingira ibice 94% vy'abantu barengeje imyaka 65 ni intambwe ikomeye muri iki gikorwa. Inkuru mbi n'uko bishobora gufata amezi canke imyaka mu gucandaga abantu benshi mu bantu baba kw'isi kugira imigenderanire yo kw'isi ntigiremwo agatosi kandi hagere igihe twese dusubira mu buzima busanzwe. Prof Salisbur yavuga ko ibivugwa ko incanco zizodusubiza mu bihe twarimwo imbere y'uko Covid itera kuri Pasika y'uyu mwaka, vyatanze icizere kidashoboka ku bantu, kandi gushika ku bintu nk'ivyo, hatabaye guhagarika ukwandukizanya, bisa n'""ibidashoboka"". Avuga ko n'ibihugu bifise ubushobozi bukomeye mu vyo amagara y'abantu hamwe n'uburambe mu migambi yo gucandaga - nk'Ubwongereza - bizosanga gushikira abantu benshi mu ntumbero yo guhagarika ukwandukizanya harimwo ingorane nyinshi. Prof Salisbur avuga ko mu gihe kazoza ku migwi igeramiwe ""ata nkeka kazoba ari keza"" mu mwaka uza, abandi dusigaye dusa n'uko dukwiye kwongereza ingingo zo kwikingira mu misi iri mbere, ico yise ""urucanco rurenzeko"". Prof Ghani yemeza akanagereranya ko bizotwara iyindi myaka 2 ""kugira isi yose izogaruke mu buzima busanzwe"", ariko mu gihe uko bikorwa vyonyaruka ku bihugu bitunze nk'Ubwongereza. Ariko yagabishije ko mu gihe incanco zorangiza ico kiza, ""ntizizorandurana n'imizi uwo mugera"", isi izokenera ""kubandanya gucandagwa"" nk'uko ibikora no ku zindi ngwara. Hishimikijwe igihe gishasha c'""urucanco rurenzeko"" rushobora gufasha mu kugwanya Covid- 19, umwaka wa 2021 usa n'uwuzodusaba kubandanya kurondera kugwanya ico kiza mu mezi ari imbere - mbere n'inyuma y'aho." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55413429 +health James Hamblin ni muganga abona ko ata mpamvu y'uko abantu bama boga buri mwanya "Muganga James Hamblin, ni umuhinga wo kurwanya indwara, akaba n'umwigisha kuri kaminuza ya Yale, ntabona igituma abantu bokwama boga buri mwanya. Uyu muganga amaze imyaka itanu akora ubushakashatsi ku bijanye no kwinyukura ku mubiri akaba yiteze gusohora igitabu mu misi iri imbere. ""Jewe niyumva neza ni ukuri"", uko niko muganga Hamblin yishuye abajijwe ingene yiyumva inyuma y'imyaka itanu amaze atoga. Yabwiye BBC ati: ""Uravamwo ukamenyera. Ni ibisanzwe"". Hamblin afise imyaka 37, akaba ari umwigisha kuri Kaminuza ya Yale mu gisata c'amagara y'abantu kandi akaba ari umuhinga wo kurwanya indwara. Ni umwe mu banditsi b'ikinyamakuru co muri Amerika -The Atlantic, ari naco yanditsemwo inkuru yise: ""Narahevye kwoga, kandi ubuzima bwanje bwarabandanije neza"". Iyo nkuru yanditse mu 2016 ivuga iti: ""Mu myaka yose tubaho kw'isi, tumara imyaka ibiri yose turiko turoga gusa. Iyumvire uwo mwanya wose, amafaranga hamwe n'amazi dutakaza"". Uno mwaka kandi, yongeye kwandika iyindi nkuru yise: ""Uroga birenze urugero"". Hagati aho, ashimangira ko twokwama dukaraba intoke n'isabuni, ariko akavuga ko bidakenewe kwoga umwanya wose mu bindi bihimba vy'umubiri. Yatanguye nk'ukugerageza kugira arabe ingene bigenda Rero abajijwe icamutumye aheba kwoga, yabanje guhora hanyuma yishura ati: ""Mvugishije ukuri, ni birebire kandi vyosaba kwandika igitabo cose kugira ndabisigure. Ariko jewe nashatse kumenya ivyokurikira"". ""Ndazi ko hari abantu boga gake cane kabaho. Nari nzi ko bishoboka, ariko nashatse kwigeragerezako jewe nyene kugira ngo ndabe ingaruba bishobora kungirira"". Niho mu mwaka wa 2015 yafata ingingo. None wabonye iki? Hari ingaruka wibonyeko? Yishura ati: ""N'ubu ni birebire. Uko umwanya ugenda, umubiri uramenyera gushika aho utakinuka cane n'aho utokoresha isabuni canke ibimoga"". ""Ariko ikintu gikomeye ni ugutahura ko bifata umwanya muremure. Si ibintu bica biba ubwo nyene"". Ashimangira ko ku ruhande rwiwe yagiye bukebuke. Yabanje kugabanya isabuni n'ibimoga yakoresha, hanyuma agabanya incuro yoga, kuko yahora yoga hafi imisi yose. Ati: ""Hari igihe numva ko nshatse kwoga kubera ntabiheruka kandi nkanuka cane. Ariko ivyo vyagiye bigabanuka cane rwose"". Inyuma y'imyaka ine iheze Mu nkuru yiwe yo mu 2016, Hamblin yanditse ati: ""Umunuko w'umubiri uterwa n'udukoko (bacteries) tuba ku mubiri wacu tukabeshwaho n'ukurya amavuta ava mu mubiri wacu kubera icuya"". Kwisiga amavuta ku mubiri no mu mushatsi imisi yose ""hari ukuntu bihindura isano riri hagati y'aya mavuta ava mu mubiri wacu n'utu dukoko tubeshejweho nayo"". ""Iyo woze ukinyukura cane, uba wononye imibereho yatwo, ibi bigatuma utu dukoko dushima kurya imikorobi ituma umubiri ugira akamoto"". Ariko haciye igihe utabikora, haragera igihe umubiri ukamenyera ntube ukinuka (...) Ntuba ukinuka nk'amazi mabi (...) usanga umota bisanzwe nk'umuntu"". Ariko mu kiganiro yatanze muri uno mwaka ku rubuga ngurukanabumenyi rwa kaminuza ya Yale, Hamblin asobanura ati: ""Si ukuvuga ko ata kamoto nari mfise, ariko gusa utu dukoko turi ku mubiri wanje ntitugisohora akamoto kabi dusanzwe dusohora"". Mu kwa munani guheze, umunyamakuru wa BBC, Amy Barrett, yamubajije nimba ata mpungenge yari afise ko yashobora kuba ""anuka"", ariko abantu ""bakamugumiriza akabanga"" ntibabimubwire. Yishuye ko yamaze igihe kirekire abaza ""abagenzi, incuti n'abandi bantu yari azi ko bamugumiriza akabanga"" kugira ngo arabe ko atohava aboneka ko ari we wenyene anuka." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55331277 +health Guhagarika gupima umugera wa SIDA ikivunga ngo si mu Burundi honyene Leta y'u Burundi iherutse gutangaza ingingo yafashe yo guhagarika gupima umugera wa SIDA ikivunga, ahubwo ikibanda ku migwi ifise ivyago vyo kwandura kurusha abandi. Iyo ngingo ngo ntifashwe n'u Burundi gusa kuko iriko irafatwa n'ibihugu vyinshi hirya no hino kw'isi, ahanini ikaba iterwa n'uburyo ariko kandi n'uko hakenewe guhindura uburyo uwo mugera upimwa. Madamu Jeanne Gapiya, yatanguje ikigo ca ANSS gisanzwe citaho ico gikorwa co kurwanya umugera wa SIDA, yabisiguriye BBC Gahuzamiryango mu kiganiro yagiranye na Florentine Kwizera. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49557833 +health Covid-19: Abashikiranganji b'amagara y'abantu muri Africa baraganira na WHO ku ncanco "Vyitezwe ko abashikiranganji b'amagara y'abantu n'abo ikigega ca reta bo ku mugabane wa Afrika babonana n'umukuru w'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, kugira baganire ingene bosabikanya incanco za Covid -19. Umuyobozi wa OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, yagize ati: ""Ndaza kubabwira ko turiko turakora uko dushoboye kugira dutangure gutanga incanco ku mugabane wa Afrika, kugira turokore ubuzima bw'abantu no gusubiza itoto ubutunzi."" Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, umukuru w'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko igisigaye ari uko amakungu yokora akazi kayo. Iyo ngingo ishitsweko inyuma y'aho prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa, asanzwe arongoye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri kino gihe, ahamagariye ibihugu bitunze kurusha ibindi, gutegekanya incanco zigenewe ibihugu bikenye. Ibihugu bitunze vyaguze incanco za Covid-19 hafi imiliyoni 800, zishobora gucandaga abanyagihugu bose b'ivyo bihugu imbere y'uko ibihugu bikenye bironka na zike, nk'uko bivugwa na Dr Seth Berkley, arongoye ikigo gitanga incanco ca Gavi. Muri iyo nama mpuzamakungu iraba ivy'ubutunzi kw'isi, Dr Berkley yagize ati: ""Barafise kandi izindi ncanco imiriyaridi 1.4. Ariko kugira ibihugu bikenye bishobore gucandaga abanyagihugu bavyo, dutegura kuganira n'ibihugu bitunze, tubasabe guterera incanco ivyo bihugu bikeneye."" Yongeyeko ati: ""Mu gihe ivyo tutobishikako, tuzobabwira ko twiteguye kuzibagurira."" Ibihugu birenga 45 kw'isi biramaze gutangura gutanga incanco za Covid-19. Ku mugabane wa Afrika, Misri, Maroc, Guinee, Ile Maurice na Seychelle ni vyo bihugu vyonyene vya Afrika bimaze gutangura gutanga incanco ku bakozi bo mu bisata vy'amagara y'abantu hamwe n'abantu bashobora kwandukirwa vyihuse. Ivyo bihugu bitanu bikoresha incanco vyahawe n'ibihugu bitunze basanzwe bafitaniye imigenderanire. N'aho urucanco rwa Pfizer rwamaze kwemezwa, OMS ntiratanga uruhusha rwo kurukwiragiza mu bihugu vya Afrika." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55841959 +health Covid-19: Uganda yatanguye igerageza ry'umuti yikoreye Uganda yatanguje icese ibikorwa vyo kugerageza umuti yikoreye yizeye ko ushobora kuvura ca kiza karanda ca Covid-19. Uwu muti w'amazi wakozwe n'abahinga bo muri Uganda mu kuvanga imiti kama izwi cane muri ico gihugu. Abantu barenga ibihumbi 40 baramaze kwandura uwu mugera kuva mu kwa gatatu umwaka uheze muri iki gihugu co muri Afrika y'Ubuseruko. Ibi bikorwa vyo kugerageza uwu muti bigiye gukorerwa mu bitaro bikuru vy'igihugu vya Mulago ku mugwa mukuru wa Uganda. Abazokoreshwa muri iri gerageza bose ni abantu bakuze basanzwe baranduye coronavirus kandi ku rugero rutandukanye. Abantu barenga 120 ni bo bazokoreshwa mu gice ca kabiri c'igerageza, kigamije kwiga nimba uyu muti ata bibazo ushobora gutera - ariko cane cane - nimba koko ufise ubushobozi bwo kuvura Covid-19. Mw'ijambo yashikirije igihe yariko amenyesha ibijanye n'iri gerageza, umwe muri aba bahinga bakoze uwu muti - wiswe UBV-01N - yavuze ko intambamyi ya mbere yabaye ukumenya nimba uwu muti w'amazi ushobora gushika mu maraso mu gihe ufashwe mu kunywa. Perezida Yoweri Museveni avuga ko Abanyafrika badategerezwa kuzera inze iva mu bihugu vy'abazungu mu gutorera inyishu y'ikibazo ca Covid-19. Vyitezwe ko inyishu zizoboneka inyuma y'ikiringo c'umwaka wose. Umuti w'amazi wahaririweko cane wakorewe muri Madagascar - ukozwe mu catsi kama ca Artemisia mu mwaka uheze - wabonetse ko ata bushobozi ufise bwo kuvura uwu mugera. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55837072 +health North Korea: Kim Jong-un avuga ko ikiza karanda ca Covid ku gihugu ciwe ari akaga gakomeye "Ibinyamakuru vya Korea ya Ruguru bitangaza ko indongozi yaco Kim Jong-un avuga ko umuvuduko udasanzwe ikiza karanda ca Covid kiriko kirafata ari ""akaga gakomeye"" ku gihugu ciwe. Mu nama yihutirwa yabaye kuri uno wa gatandatu, Kim Jong-un yateye akamo ko hokoreshwa inguvu zose kugira barwanye uwu mugera. Ni inyuma y'aho abategetsi b'ico gihugu batangarije ku musi wa kane ko habonetse abantu ba mbere banduye uwo mugera - n'aho abahinga bemeza ko uwo mugera ushobora kuba umaze igihe kitari gito uzunguruka mu gihugu. Hari ubwoba ko iki kiza gishobora kugira ingaruka mbi cane muri Korea ya Ruguru. Abanyagihugu baco bashobora kuhagirira ingorane kubera ata mugambi w'incanco uri mu gihugu, hamwe n'igisata c'amagara y'abantu atako cifashe. Kuri uno wa gatandatu, ibinyamakuru vya reta vyatangaje ko muri zino ndwi nkeya ziheze haboneste abanyagihugu bagera ku gice c'umuriyoni bari babangamiwe n'umururumbo ku buryo budasiguritse. Iki gihugu gifise uburyo buke bwo gupima, rero bikaba bishoboka ko hari abanduye Covid bashobora kuba batazwi. Iki gitigiri caraduze cane ugereranije n'ivyari vyatangajwe ku wa kane no ku wa gatanu, bikaboneka ko iki kiza kibangamiye cane Korea ya Ruguru. Itororokanirizo ry'amakuru KCNA risubiramwo Kim avuga ati: ""Ikwirakwira ry'aka karanda kabi niko kaga ka mbere gakomeye gateye igihugu cacu kuva kibayeho"". Avuga ko iki kibazo kivuye ku bushobozi buke bw'abategetsi n'abajejwe amagara y'abantu, aca asaba ko bokwigira bindi bihugu ingene vyarwanije iki kiza, nk'akarorero igihugu kibanyi c'Ubushinwa. Ibinyamakuru vyegamiye reta bivuga ko abantu 27 bamaze gupfa kuva muri Ndamukiza (4) biturutse ku mururumbo. Aya makuru ntavuga nimba bari baranduye Covid, kiretse umwe gusa yatangajwe ku mugwa mukuru Pyongyang ko yahitanywe na Covid yo mu bwoko bwa Omicron. Iyi ngingo yo gutangaza ko hari abanduye Covid muri ico gihugu kubwa kane ije inyuma y'ikiringo c'imyaka ibiri Korea ya Ruguru yari imaze ivuga ko ata Covid iri mu gihugu. Iki gihugu cirebanga caranse amamiriyoni n'amamiriyoni y'incanco za AstraZeneca n'izo mu Bushinwa cari cemerewe n'amakungu mu mwaka uheze. Ahubwo coco civugira ko cashoboye kuzibiria Covid mu kwugara imbibe zaco mu wa mbere 2020. Gisanzwe gisangiye imbibe na Korea y'Epfo hamwe n'Ubushinwa, vyompi bikaba vyarashoboye kurwanya aka karanda. Muri kino gihe, Ubushinwa buri mu rugamba rwo kurwanya ubwoko bwa Omicron mu kwugara ibisagara binini binini. Mu nama yari ifise intumbero yo gutangaza amabwirizwa ajanye na Covid ku wa kane, Kim yabonetse ku mboneshakure yambaye agapfukamunwa ubwa mbere. Yategetse ko haba ingingo zihutirwa zikomeye zo kurwanya uwu mugera, harimwo ibisa n'ingingo za guma mu rugo no guhagarika kurundarundana mu bibanza vy'akazi. Korea y'Epfo ivuga ko yemereye ubutabazi umubanyi wayo wo mu buraruko inyuma y'ivyatangajwe ku wa kane, ariko ko Pyongyang itarishura." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61448724 +health Africa - Covid: Abarwaye bakaremba bafise ivyago vyinshi vyo gupfa gusumba ahandi kw'isi "Abarwaye bakaremba kubera Covid-19 bafise ivyago vyinshi vyo gushobora gupfa muri Afrika kurusha ahandi hose kw'isi. Icigwa giherutse gusohorwa na Lancet ivyo kivyegeka ku bukene bw'ibikoresho nkenerwa cane mu bitaro bikoreshwa mu kurokora ubuzima. Birava kandi ku bukene bw'abakozi bafise ubumenyi bukwiye. Hafi 48% y'abarwara bakaremba binjizwa ibitaro muri Afrika barapfa. Aho ni mu gihe muri rusangi urugero rw'abapfa kw'isi ari 31,5% nk'uko ico cigwa kivyerekana. Urwo rugero rushobora kuba ari runini gusumbaho aho mu bitaro bitobito bidafise ibisata vyo kwakira abantu baremvye cane. Umwigisha Bruce Biccard wo ku bitaro vya Groote Schuur kuri kaminuza ya Cape Town avuga ati: ""Icigwa cacu nico ca mbere gitanze ido n'ido ry'ishusho y'ibishikira abantu barwaye bakaremba kubera Covid-19 muri Afrika, hakoreshejwe amakuru twakuye mu bihugu no mu bitaro vyinshi"". Umwigisha Biccard, ari mu bari barongoye ico cigwa, abandanya avuga ati: ""Ikibabaje, n'uko ico cigwa cerekana ko ubushobozi bwacu bwo kwitaho abagwayi bubangamirwa n'ubukeneye bw'ibitanda vyo kwakira abaremvye n'uburyyo buke mu bisata vyo kwitaho abaremvye cane"". Gushika ubu muri Afrika haharurwa abantu 120.000 bamaze kwicwa na Covid-19, abo bakaba bangana na 4% y'abamaze gupfa kw'isi yose. Abantu bakuze barenga 3.000 bo mu bihugu 10 vyo muyri Afrika baritabiriye ico cigwa cashimikiye ku bitaro 60 mu bihugu 10 - Misiri, Ethiopia, Ghana, Kenya, Libya, Malawi, Mozambique, Niger, Nigeria na Afrika y'Epfo. Ico cigwa catoye ko hagati y'ukwezi kwa 5 n'ukwezi kwa 12 mu mwaka uheze, 50% vy'abitabiriye ico cigwa barapfuye bataronkejwe umwuka wo guhumeka (oxygene) abandi 10% nabo ntibavurwa ingorane z'amafyigo." https://www.bbc.com/gahuza/57202698 +health Kubaho afise ibitsina vyompi ni ingorane kwa Mary Waithera canke James Karanja "Igihe Mary Waithera canke James Karanja yavuka mu mwaka wa 1991, abakirizi barataye umutwe, bagira ubwoba ntibaronka n'ico babwira nyina wiwe. Yavukanye ibitsina bibiri…igitsina c'umukenyezi n'igitsina c'umugabo vyose biri hamwe. Nyina wiwe akama yibaza igituma umwana wiwe yavutse ameze gutyo. Amaze kuvuka, Mary yamaze ikiringo c'indwi zitatu mu bitaro bari bari mu twigoro two gutorera inyishu iyo ngorane. Iyo yabaye intango y'urugendo rurerure rwa Mary Waithera canke James Karanja agerageza kwitahura. Abavyeyi biwe bafashe ingingo y'ukumurera nk'umukobwa. Mary Waithera canke James Karanja ati: ""Navutse mfise ingorane nk'uko ndabibwirwa n'abari banyegereye. Nta n'umwe yashoboye kumenya ico ndi. Abavyeyi banje bamaze kumenya ko nari mfise ingorane, dawe yafashe ingingo, bafashe ingingo yo kundera nk'umukobwa. Hagati aho, ubumuga bwanje bwatumye abavyeyi banje bahukana. Dawe yaradutaye, avuga ko mu muryango wabo ata muntu arigera avuka ameze nkanje, aranabuza ko ntorana izina ry'umuryango kuko babona ko ndi umuvumo. Ivyo vyatumye ntorana izina ryo kwa nyokuru avyara mawe. Abavyeyi banje bamaze kwahukana, mawe yaragize umwikomo kubera ivyiyumviro vyinshi, agira n'ibibazo vy'ubuzima igihe yari andeze. Igihe cose naja kuvoma amazi mu mwonga, nayatwara ku rutugu, mu gihe abandi bakobwa bobo bayatwara ku mugongo. Yarandeze nkura nk'umukobwa. Yantegura kuba umukenyezi ameze neza"". Karanja yibuka ko ari we ""mukobwa"" wenyene yagendesha ikinga ku mutumba wose. Karanja ati: ""Nyokuru avyara mama yavuga ko kugira ngo umukobwa aje mu kwezi yategerezwa kuba yaragenyerewe"". Amaze kuja mu mashure yisumbuye kw'ishure rikuru rya Kikambala, yibuka ko habaye ikintu kidasanzwe. Ati: ""Bashaka ko ndabereka udutambara two mu kwezi. Umwigisha yavuga ko batari kunyakira kw'iryo shule nterekanye utwo dutambara. Abigisha baguma banyita ko ndi umuhungu"". Amaze gushika mu mwaka w'icenda, yatanguye kubona umubiri uhinduka, ageze mu myaka y'ugukura. Ibitugu biraguka n'ijwi rirahinduka. Yama avyuka kwoga mw'ijoro rinihira imbere y'uko abandi banyeshuri bavyuka kugira ngo ntibamubone. Abakobwa batangura kumukunda, bamwandikira n'udukete tutari duke n'aho ari we yari umukuru w'ishure ryabo. Abigisha bamaze kubona ayo makete, baramwirukanye bamwagiriza ko ariko akwiragiza ingeso z'uguhuza ibitsina ku babisangiye. Ati: ""Iyo yabaye intango y'ukwimenya"". Yagiye kwa muganga kugira ngo abaganga bamupime maze amenye ico yari. Haciye igihe, Karanja yahavuye yemererwa gukora ikibazo ca leta kandi aronka amanota meza yamuhaye uburenganzira bwo kuja kuri kaminuza. Yararyohewe kuko yibaza ko ingorane zigiye guhera, ariko kwabaye ukwihenda. Kw'ishure kaminuza rya Nairobi, yarankiwe kwinjira incuro nyinshi n'abanyezamu bamusaba gusigura ingene afise izina ry'abagore, Mary Waithera, kandi aboneka nk'umugabo. Eka n'abigisha ba kaminuza iyo hageze gukora ibibazo, bama bashaka kumenya igituma afise izina ry'abagore kandi n'ibimuranga bikerekana ko ari umukobwa. Ni kenshi yama yirukanywe canke bakamucereza gukora ivyo bibazo. Kubera izo ngorane, Karanja yarashatse kwiyahura incuro zitatu zose. Avuga ko ukunenwa ari kwo kwamutumye ashaka gukora ivyo. Hagati aho, Karanja ashaka ko amenyekana nk'umuntu afise ibitsina vyompi, ikiranga umugore n'ikiranga umugabo. Kenya nico gihugu ca mbere muri Afrika cemeje abantu nk'abo Mu gihugu ca Kenya, abantu baharurwa hafi 700.000 nibo bazwi ko bafise ibitsina vyompi. Hagati aho, leta ntiremeza ivyo biharuro. Umushingamateka Milly Odhiambo avuga ati: ""Abantu b'ibitsina vyompi ntibaboneka mu gihugu. Amategeko ntabemera"". Milly avuga ko kubona amategeko atahora abemera vyatuma abo bantu ata burenganzira na bumwe baronka. Leta ya Kenya yahora yandika abantu ko ari igitsinagabo canke igitsinagore gusa. Kenya nico gihugu ca mbere muri Afrika cemeje abantu bafise ibitsina vyompi muri muri rusansuma y'uno mwaka wa 2019. Abana bavuka bafise ibitsina vyompi bafatwa ko ari umuvumo ku muryango, bigatuma akenshi iyo bavuze baca bicwa mu bihugu bitari bike vya Afrika." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49439085 +health Uganda: Abaganga bari muri yegereyegere bemeye gusubira ku kazi Abaforoma n'abaganga bari bamaze imisi muri yegereyegere bemeye kuyihagarika bagasubira ku kazi ku wa mbere. Inyuma y'inama hagati y'ababaserukira na reta, aba baforoma n'abaganga bimenyereza bemeye guhagarika yegereyegere barimwo yari imaze ukwezi kurenga basaba kwongererezwa agahembo no kworoherezwa ku kazi. Reta yemeye kubongerereza agahembo, bakaba ku mashilingi ya Uganda 750.000 (hafi $200) bakaronka imiriyoni 2.5 z'amashilingi (ni ukuvuga hafi $700). Aka gahembo kazorihwa uhereye mu kwezi kw'indwi uno mwaka, kandi kuva ku wa mbere kazotegerezwa kuba kashitse ku ma konte yabo. Mu nama y'ejo ku wa gatanu, umushikiranganji w'amagara y'abantu yaremeye kandi guhagarika ingingo yari yafashe yavuga ko abaganga bose bari bahagaritse akazi bava mu bigo babamwo no mu bibanza vy'akazi vyose vyegukira reta. Uyu murwi w'aba baganga bahagaritse akazi basigaje amezi abiri ngo barangize imyimenyerezo yabo. Abari muri iyi myiyerekano bazokwongererezwa umwanya kugira ngo bashobore kuyirangiza. Kuva mu bihe biheze, imyiyerekano n'ibiganiro ku bijanye n'agashahara hamwe no kwioroherezwa ku kazi muri Uganda ni ibintu vyamye biba n'imiburiburi rimwe um mwaka kuva um 2017. Abaserukira abakozi bo mu gisata c'ubuvuzi bari mu rugendo baja ku nama nshingamateka ku wa gatatu kugira bashikirize urwandiko barazibiwe bongera barahagarikwa n'igipolisi um kiringo c'amasaha, ariko mu nyuma bavamwo bararekurwa. https://www.bbc.com/gahuza/59709149 +health Kim Jong-un: Korea ya Ruguru 'iri mu ngorane zikomeye' kubera amakosa kuri Covid "Ibinyamakuru vya reta ya Koreya ya Ruguru bitangaza ko Kim Jong-un yahambariye abategetsi bakuru bakuru kubera amakosa yateje ""ikibazo gikomeye"" atavuze ico ari co gifitaniye isano na Covid-19. Cabaye ikimenyetso kidasanzwe cerekana ubukari bw'iki kiza muri Koreya ya Ruguru yamye ihakana yivuye inyuma ko ata n'umwe yigeze yandura Covid mu gihugu - abahinga bakaba bagumye bafise amakenga. Iki gihugu kiracugaye imbibe zaco mu ntumbero yo kuzibira uwu mugera. Ariko bivuye ku bihano cafatiwe n'amakungu, iyi ngingo yatumye imfungurwa zikena mu gihugu, ibintu birayangara mu bijanye n'ubutunzi. Mu misi iheze Kim yaremeye ko hari ikibazo c'imfungurwa ""giteye ubwoba"" aca abwira abanyagihugu kwitegurira ingaruka ""zitari bwigere zibaho"", aho yazigereranije n'amapfa yo mu myaka ya 1990 yihaye inkumbi muri ico gihugu. Mu ntango z'ino ndwi, imboneshakure y'igihugu yerekanye amashusho adasanzwe y'umunyagihugu yavuga ko Kim aboneka ko ""afise intege nke"", amasanamu aheruka akaba yamwerekanye yaratakaje ibiro. Mu majambo yacishijwe ku kinyamakuru ca reta KCNA, Kim yagirije abategetsi bakuru ko babaye abanyarwangara, hari mu nama idasanzwe y'abarongoye umugambwe. Ingaruka ni uko ""bateje ikibazo gikomeye mu kubungabunga umutekano w'igihugu n'umutekano w'abanyagihugu kandi bikagira ingaruka zikomeye"". Iyi nkuru ivuga kandi ko abategetsi batari bake b'uwo mugambwe bakuwe - harimwo n'umwe ari muri komite ntayegayezwa - igizwe n'abantu batanu, harimwo na Kim ubwiwe. Ariko, iyi nkuru nta zindi nsiguro itanga ku vyabaye canke kuri abo bategetsi bakuwe. Umushakashatsi yahunze Koreya ya Ruguru, Ahn Chan-il, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko iyi nkuru yerekana ko iki gihugu gisa n'icemera ko hari abanduye Covid. Ni icerekana kandi ko ""Pyongyang ishobora kuba ikeneye imfashanyo mpuzamakungu"", nk'uko abivuga. ""Ahandi ho ibi ntibari kubikora kubera harimwo, vyanka bikunze, ingingo ya reta yo kwemera ko ubutegetsi bwananiwe mu twigoro twayo two kuzibira iki kiza"". Iyi nkuru ni icerekana ko ibintu vyifashe ""nabi cane"" mu gisata c'amagara y'abantu muri Koreya ya Ruguru, nk'uko bivugwa na Dr Leif-Eric Easley, umwigisha wa kaminuza Ewha Womans University i Seoul muri Koreya y'Epfo. Ati: ""Kim ategerezwa kurondera abo atako impfane kuri izi ngorane, mu kwirukana abategetsi b'abahemu no mu kubatako amakosa. ""Iki kirashobora kuba ishingiro ya Pyongyang mu gusaba abanyagihugu kwifatafata gusumba, ariko kandi kigashobora kuba gisigura ko iki gihugu kigiye kwemera incanco ziva mu mahanga"". Koreya ya Ruguru yarafashe ingingo ruhasha, ibinyamakuru vya reta navyo bikaba bibandanya bisaba abanyagihugu kuba maso kugira ntibinjiranwe n'umugera. Mu mpera z'umwaka uheze ibi binyamakuru bikaba vyagabishije abanyagihugu kwirinda ""umukungugu w'umuhondo"" (yellow dust/tempête de sable jaune) uva mu Bushinwa. Nta sano rizwi riri hagati y'ibicu vy'umukungugu biza mu gihe kanaka c'umwaka na Covid-19. Urudandaza hagati ya Koreya ya Ruguru n'incuti yayo nyamukuru, Ubushinwa, rwaragabanutse kuva ico gihugu cugara imbibe zaco, imfungurwa zimwe zimwe n'imiti bikaba bitashoboye kwinjira mu gihugu. Amashirahamwe y'abagiraneza aragabisha ko hashobora kuba ikibazo gikomeye c'imfungurwa n'ubutunzi. Amakuru yasohotse mu mezi aheze avuga ko ibiciro vy'ibifungurwa vyadutse cane, ko hari n'abapfuye bahitanywe n'inzara, ibitigiri vy'abantu basegerereza indya navyo bikaduga." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57662083 +health China igiye gusubira kuba nyabagendwa kuva muri Nzero Frances Mao & Fan Wang BBC News Ubushinwa bugiye kuvanaho ‘quarantaine’ [ingingo yo kugumiza umuntu ukwa wenyene] ku ngenzi, ikaba ari yo ntambwe ya nyuma yo kuva kuri poritike ya Covid-zero ico gihugu cari kigize igihe kigenderako. Inyuma y’imyaka hafi itatu imbibe zugaye, ibi bizotuma igihugu gisubira kwugururwa ku bafise visa z’akazi canke z’amashure, canke abagiye kuramutsa imiryango. Ariko ivyo bishitse mu gihe Ubushinwa buhanganye n’ikwirakwira rishasha ry’umugera mu gihe izo ngingo zariko ziravanwaho. Amakuru avuga ko ibitaro vyarengewe n’abarwaye, abageze mu za bukuru nabo bariko barapfa ku bwinshi. Ibitigiri vy’ukuri – vy’abandura n’abapfa ku munsi ku munsi – ubu ntibizwi kuko abategetsi bahagaritse gushira ahabona ibiharuro bijanye na Covid. Ku ndwi iheze, ubutegetsi bw’Ubushinwa bwari bwamenyesheje hafi abandura bashasha 4.000 buri munsi n’abapfa bake. Ku wa Mungu, bavuze ko bagiye guhagarika gushira ahabona ivyo biharuro. Ariko ikigo co mu Bwongereza kibikurikirana, Airfinity, cagereranije ko mu Bushinwa  handura abantu bashasha barenga umuriyoni hagapfa 5.000 buri munsi, ku bw’itororokanirizo ry’amakuru  Reuters. Ubushinwa nico gihugu ca nyuma ca rutura mu butunzi gifashe inzira yo “kubana na Covid”  inyuma y’imyaka itatu ya guma mu rugo, kwugara imbibe n’itegeko ryo kuja muri “quarantaine” ku bantu batowe umugera wa Covid canke abagize aho bahurira na bo. Poritike ya Covid zero yarahungabanije ubutunzi, abanyagihugu nabo bararambwirwa n’ingingo zibabuza ukwishira no kwizana hamwe n’ibipimo vya buri igihe. Ukurengerwa n’izo ngingo vyararushe bishika ku myiyerekano itamenyerewe muri ico gihugu yo kwiyamiriza prezida Xi Jinping muri Munyonyo (ukwezi kwa 11), ivyatumye abategetsi batezura ingingo za Covid mu mayinga yakurikiye. Imbibe zugaye niyo nzitizi ya nyuma yari igisigaye. Kuva muri Ntwarante mu 2020, uwari we wese yinjira mu Bushinwa yategerezwa gushika ashirwa muri quarantaine mu kibanza ca reta – mu kiringo gishika ku ndwi zitatu icarimwe. Ico ubu vuba caragabanuwe gishirwa ku minsi itanu. Ariko ku wa mbere, inama y‘igihugu ijejwe amagara yamenyesheje ko Covid igiye kumanurwa igashirwa ku rugero rwa Class B kuva ku wa 8 Nzero. Ivyo bisigura ko quarantaine izoca ivaho -n’ubwo abavuye hanze bagiye muri ico gihugu bazotegerezwa kugirisha igipimo ca PCR – kandi ko n’igitigiri ntarengwa c’indege zinjira mu Bushinwa ku munsi naco kigiye kuhava. Abategetsi bavuze kandi bazokworosha ibijanye no gusaba visa ku banyamahanga bifuza kuja mu Bushinwa kwiga, gukora canke kuramutsa umuryango canke kuja kubana nawo. Ntibiramenyekana niba harimwo na visa ku ngenzi (tourist visa), ariko abategetsi bavuze ko hagiye kuzoba gahunda y’ifatiro ku bwato mpuzamakungu bw’ingenzi. Ayo mategeko mashasha yakiriwe neza cane n’Abashinwa benshi ubu bagiye gusubira kuja mu makungu. Kompanyi ya mbere itunganya ingendo kuri internet yamenyesheje ko ibitigiri vy’abayishorera vyaduze cane mu masaha make  izo ngingo zimaze gutangazwa. Ariko hari n’abandi berekanye agashavu k’ingene ukwo kwidegenvya kuja giturumbuka inyuma y’imyaka y’igenzurwa ritabujije ko abantu baguma bandura. Abandi bashikirije impungenge ku mbuga hwaniro kuri uko kwugurura imbibe mu gihe abandura Covid basubiye kwiyongera cane mu Bushinwa. Bumwe mu butumwa bwakunzwe cane kuri Weibo bwagize buti : “Kuki tutari kurindira ko uwu mupfunda ubanza gucureha imbere y’uko twugurura? Abakozi bo kwa muganga basanzwe bamaze kuruha, hanyuma abageze mu za bukuru ntibazorusimba kabiri mu kwezi kumwe”. Ababa mu bisagara nka Beijing na Shanghai, ubu birangwamwo ubukonje bwinshi, bavuga ko baheranywe n’imiti y’ibicurane kandi bakeneye ubufasha bwo kwa muganga ku babo barwaye. Hari impungenge ko hari impfu nyinshi zitamenyekana kuko ibibanza vyo guturiramwo abapfuye vyarengewe. Ku wa mbere, prezida Xi yagize ico avuga ubwa mbere kuri izo mpinduka, asaba abategetsi gukora “ibishoboka” kugira  ubuzima burokorwe. Ibinyamamukuru vya reta vyamusubiyemwo avuga ko igihugu cugarijwe n’igihe gishasha co kurwanya ico kiza, kandi ko hakenewe inyishu yihariye. Kuba Ubushinwa  bwahindukiye ku murongo bwahorako mu kurwanya Covid vyatumye prezida Xi arotoherwa, nk’uko abihweza ibintu n’ibindi babibona. Niwe yari imbere muri poritike ya Covid zero benshi bidogera ko izingamitse ubuzima bwabo bikabije hanyuma igahungabanya ubutunzi. Ubu naho yayiyehevye, abaraba ibnintu n’ibindi bavuga ategerezwa kwemanga umutwaro w’umupfunda ukomeye w’abandura n’abinjizwa ibitaro. Benshi baribaza igituma igihugu kititeguye neza gusumba. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c0j8dpj2jvlo +health AstraZeneca: EU ivuga ko ivyiza vy'urwo rucanco biruta inkurikizi mbi "Urwego rugenzura imiti mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya, EU, ruvuga ko rwemera rushimitse ko ivyiza vy'urucanco Oxford-AstraZeneca rwa Covid-19 birenze kure inkurikizi mbi. Urwo rwego rwavuze rushimitse ko ""ata kimenyetso na kimwe"" cerekana ko urwo rucanco rutuma amaraso avura, inyuma y'aho ibihugu vyinshi bikomakomeye vyo muri EU bihagarikiye kurukoresha. Umukuru w'urwego rujejwe kugenzura imiti mw''ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya (EMA), Emer Cooke, yamenyesheje ko urwo rwego rwagumijeho icemezo co kwemeza urwo rucanco. Amatohoza ku bantu bake bavuze amaraso inyuma yo kuronswa urwo rucanco aracabandanya. Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO ryasavye ivyo bihugu kudahagarika urwo rucanco. Abahinga mu bijanye n'incanco muri OMS bakoranye kuri uyu wa kabiri kugira bihweze ivyerekeye urwo rucanco rwa Oxford-AstraZeneza. EMA ivuga ko abantu vyavuzwe ko bavuze amaraso inyuma yo kuronswa urwo rucanco atari benshi kuruta abasanganywe ico kibazo muri rusangi. Umupfasoni Cooke yavuze ati: ""Turazi ko abantu ibihumbi n'ibihumbi bagira ikibazo co kuvura amaraso muri EU, ubu rero ico dushaka, n'ukumenya nimba ivyo bintu vyatewe n'urwo rucanco canke n'ibindi bintu."" Yongeyeko ati: ""Mu gihe amatohoza akibandanya, ubu turacemeza tudakekeranya ko ivyiza vy'urucanco AstraZeneca mu kugwanya Covid-19, harimwo n'inkurikizi y'iyo ngwara yo kuja mu bitaro no gupfa, biruta kure izo ngaruka mbi."" Ivyavuye mu matohoza ya EMA vyitezwe kuja ahabona ku musi wa kane." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56416985 +health Covid-19: Ingene ibimenyetso vyayo vyagiye birahinduka Ububabare bwo mu muhogo, kumeneka umutwe, ibiseru vyinshi n’inkorora nivyo  bimenyetso nyamukuru bishobora kwerekana ko umuntu afise covid-19. Ibi biri mu cegeranyo co mu Bwongereza gifatiye ku nkuru zatanzwe n’abantu ibihumbi 175 bapimwe bagatorwa umugera mu ndwi yari iheze. Ibi biri mu cegeranyo co mu Bwongereza gifatiye ku nkuru zatanzwe n’abantu ibihumbi 175 bapimwe bagatorwa umugera mu ndwi yari iheze. Ibiharuro vyegeranijwe hifashishijwe  app ya Zoe Covid, vyarihwejwe  ku bufatanye bw’abashakashatsi ba kaminuza ya King’s  College London, bafashwe mu mugongo na NHS, igisata citaho amagara amagara y’abantu muri ico gihugu. Ico cigwa cerekanye ko ubushuhe burenze , ukutamoterwa hamwe no kutumva ico umuntu ashize ku rurimi uko kimeze (mko kutamenya ko kirura canke gisosa) vyari bisanzwe ari vyo bimenyetso vyerekana iyo ndwara mu mezi make aheze, bitacibonekeza cane ubu. Ibindi bimenyetso nk’ijwi rijwangaraye, kwitsamura/kwasamura, uburuhe n’ububabare bw’umubiri vyagumye biboneka ku rutonde  rw’ibimenyetso vy’iyo ndwara. Ibimenyetso nyamukuru 20 vya Covid-19 kuva kuri kinini uja kuri gitoya hakurikijwe ivyigwa vyakozwe na Zoe, n’ibi bikurikira: Aya makuru ahuye n’ubundi bushakashatsi bwa vuba . Nk’akarorero icigwa React-1, buri kwezi,  cama  gifata kitarobanuye,  abantu hafi ibihumbi 150 mu Bwongereza. Bose baca bagirirwa igipimo cihuta co gusuzuma ko ata mugera bafise. Ivyavuye muri ico cigwa ubu bwa vuba vyerekana ko ibimenyetso vya Covid-19 bigaragara kenshi bitagumye ari bimwe mu gihe c’ico kiza. Ivyo bishobora kuba vyatewe n’uko umugera wa corona wagiye urahindagura imero, nk’ukop abahinga bavyibaza. Harabonetse ubwoko bwinshi bw’umugera wa  corona kuva ubwa mbere butowe mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa. Ubwoko bwa vuba ni Omicron. Abashakashatsi ba React-1 - bo kuri  Imperial College London -  bemeza ko gutakaza ukumoterwa n’ukutumva ibisosa canke ibirura bisa n’ibidakunda gushika kenshi ku bwoko bushasha bw’uwo mugera. Ariko abakozweko amatohoza bigeze kurwara bavugako  ibimenyetso vy’inkorora canke ibicurane  biguma vyibonekeza. Barihweje imero ya mbere y’ubwoko bwa Omicron buzwi nka BA.1 na BA.2,  bwiganje cane guhera  mu kwezi kwa gatatu mu 2022. Kuva ico gihe, ibisanira bibiri vyamuka kuri Omicron,  vyandukira cane , vyiswe  BA.4 na BA.5 vyarakwiye henshi kandi akaba arivyo ahanini vyafashe abanduye bashasha. Haragereranywa ko abantu miliyoni 2,7  mu  Bwongereza - n’ukuvuga 1 kuri 25 – ubu banduye  umugera wa Covid-19, kandi ko ibihugu vyinshi vyo muri Amerika y’Epfo no kw’isi nzima  ubu bwa vuba igitigiri c’abandura ciyongeye. Tim Spector arongoye ico cigwa akoresha app ya Zoe avuga ko n’ubu hataraboneka uburyo bwo kwirinda   Covid. Agira ati : ’’N’abantu bagwaye bigeze kurwara  Covid kandi bakaronka urucanco barayandura”. Abandanya ati: “Dutegerezwa kuraba neza ko ari nkenerwa ko twitaba imanza zihuriramwo abantu abantu  benshi, ko tuja gukorera mu mu biro canke canke ko dukoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza um masaha buba bukenewe n’abantu benshi”. https://www.bbc.com/gahuza/articles/cmm1yv7eq04o +health Tanzania: Paul Makonda arongoye igisagara ca Dar es Salaam avuga ko coronavirus yaheze "Umukuru w'igisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania, Paul Makonda, yahamagariye abanyagihugu kwiha amabarabara kuri uyu wa Mungu bakigina ko umugera wa coronavirus waheze mu gihugu. Yababwiye ko amaduka amanura igiciro gushika ku bice 80%, abahimiriza kuja kugura uduhuzu twiza two kwambara mu kwigina . Hagati aho, abatanzaniya benshi bafise amakenga kuri ivyo vyavuzwe na Bwana Makonda, bakabona ko ingingo ibuza abantu kwegerana ishobora guhonyangwa. Nta wundi mutegetsi wundi canke ishirahamwe iryo ari ryo ryose rimenyesha ivyo uko umugera wa coronavirus woba waheze muri ico gihugu kiri muri Afrika y'Ubuseruko. Mu minsi mike iheze, ibiro vy'ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Tanzania vyamenyesheje ko ibitaro vyo mu gisagara ca Dar es Salaam vyari ""vyarengewe"" n'abarwayi b'umurengera. Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, ACT-Wazalendo, wariyamirije ivyatangajwe na leta, aho yamenyesha ko umurindi w'ikwirakwira ry'uwo mugera ryagabanutse muri Tanzania. Haraciye ukwezi kurenga kuva ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bushikirije ibitigiri vy'abanduye coronavirus n'abahitanywe n'uwo mugera. Umukuru w'ico gihugu, John Magufuli, arashimangira ko ico kiza cagabanutse. Ibiharuro vya nyuma biheruka, vyavuga ko abantu 509 ari bo banduye coronavirus, 21 nabo bakaba ari bo bari bamaze guhitanwa nayo." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52783990 +health Ikiganiro Bazamuganga ku menyo ya muzitsa. Mu kiganiro Bazamuganga, BBC yaganiriye na muganga Josee Uwamariya ku menyo yitwa muzitsa. Ni amenyo y'ibijigo amera nyuma y'ayandi. Ayo menyo amaze iki? Haba se hari ibibazo ateza? https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-41617279 +health DRC-Covid: Prezida Tshisekedi yiteje urukingo Moderna rwa Covid Umukuru wa Repuburika ya Demokrasi ya Congo Felix Tshiseketi yiteje urucanco rwa Moderna rwa Covid -19 inyuma y'amezi yari aheze yanse urwa AstraZeneca avuga ko atarwizeye. Gushika ubu abategetsi ba Congo bari bakigonanwa guhimiririza abantu kwicandagisha. Mu gihugu cose abangana n'umwe kw'ijana (1%) nibo bonyene bamaze kwicandagisha. Mu kwezi kw'indwi prezida Tshisekedi yari yavuze ko adashaka kwiteza AstraZeneca kubera impungenge z'uko rushobora gutera ukuvura kw'amaraso. Ariko ko azokwiteza urundi hamwe rwoboneka. Yongeye avuga ko amaze kubura incuti kubera iyo ndwara, ko rero urucanco ari yo nzira yo gufata. Ku ndwi iheze Congo Kinshasa niho yaronka incanco za mbere za Moderna zishika ibihumbi 250. Muri Congo ibiharuro bizwi icese vyerekana ko hamaze gupfa abantu 1.000 bahitanywe na Covid. Ico gihugu gisanzwe cugarijwe n'ibindi bibazo vyinshi vy'indwara harimwo mugiga (meningite) imaze kwica abatari munsi ya 120 kuva mu kwezi kw'indwi https://www.bbc.com/gahuza/58547527 +health Malaria: Gerard Niyondiko arizigiye ko OMS/WHO izokwemeza amavuta ye yirukana imibu "Gerard Niyondiko, umurundi aba muri Burkina Faso yinjiye ku rutonde rw'abitangiye kurwanya umubu utera malaria akoresheje amavuta yo kwisiga yise Maïa, amavuta ariko ataremerwa na OMS/WHO. Mu gihe amakungu yari aramutse ahimbaza umusi wahariwe kurwanya malaria kw'isi, Niyondiko yabwiye BBC ko we na bagenziwe batoye amavuta umuntu yisiga amukingira umubu igihe kirenga amasaha arenga umunani. Icegeranyo c'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO cerekana ko mu 2020 abantu bababa imiriyoni 241 bwarwaye malaria, hamwe na miliyoni 228 mu mwaka uheze wa 2021, abenshi muri bo bakaba bari ku mugabane wa Afrika. Malaria ni indwara iterwa n'umubu w'ingore, uzwi nka anopheles. Hari uburyo butandukanye bwo kwirinda uwu mubu, burimwo gukoresha inzitiramibu n'ibindi. Niyondiko, avuga ko gushika ubu OMS ""itarigera yemeza amavuta ayo ari yo yose canke ikintu cirukana imibu bijanye n'amavuta abantu bisiga gifise uburenganzira bwa OMS gushika ubu"". Hagati aho, avuga ko we na bagenzi we bari kumwe muri uwo mugambi bakoze ubushakashatsi bwerekanye ko aya mavuta akora neza kandi ko ata ngaruka afise kubayakoresha. Ati: ""Twarakoze ubushakashatsi muri Burfina Faso be no muri Tanzania aho ayo mavuta bayasuzumye, ibi bikerekana y'uko afise ububasha bwo kwirukana imibu iyo umuntu ayisize hagati y'amasaha umunani na cenda"". Avuga ko babandanya bakorana na OMS, bakayishikiriza ivyo babandanya bakora vyose, akizera ko bitebe bitebuke iri shirahamwe rizokwemeza aya mavuta kuko bakora bisunga ibisabwa n'iri shirahamwe. Mu Burundi, malaria iri mu ndwara za mbere zihitana abatari bake. Ikinyamakuru gitangaza amakuru y'ubutabazi, Relief web, gisubiramwo ibiri mu cegeranyo c'Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi kivuga ko gushika muri Kigarama 2021, abantu bababa imiriyoni 5,7 ari bo banduye malaria ku banyagihugu bose barenga imiroyini 12,6. Ivyo biharuro vyerekana ko ibitigiri vy'abayirwaye vyaduze ugereranije n'umwaka w'imbere y'aho wa 2020, aho abantu bababa imiriyoni 4,4 ari bo bamenyekanye ko bayirwaye. N'aho biri uko, ibiharuro vy'abahitanywe na malaria vyaramanutse ugereranije na 2020, aho gushika ku wa 12/12/2021, abashika1.519 ari bo bapfuye, ibi bikerekana ko abajejwe ubuvuzi bakoze bigashimwa. Mu butumwa bwiwe mu guhimbaza uwo musi, Dr Matshidiso Moeti aserukira OMS muri Afrika yavuze ko malaria ikiri akaga gakomeye ku magara y'abantu kandi ko ibangamiye iterambere. Atera akamo ibihugu vyose birangwamwo malaria gukorana n'amashirahamwe ajejwe iterambere kugira ngo bishobore gutuza burundu iyi ndwara." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61226489 +health Kenya iracahanzwe n'umuti ubuza gusama uva mu Bushinwa n'ubwo umaze imyaka 10 warabujijwe "Na Evelyne Musambi BBC News, Nairobi Igihe Susan Wamaitha yatangura kwumva arwaye haraheze umwaka, yibaza ko ari ingaruka zava ku muti ukinga gusama inda yari amaze amezi atanguye gufata - biza kumenyekana ko yari amaze indwi munani asamye inda. Uwo mugore w'imyaka 32 ubu ni nyina w’abana batatu. Ntiyamenye ko uwo muti ukinga gusama inda yari yatanguye gufata mu kwezi kwa Ruheshi (6) mu 2021 wari ubujijwe muri Kenya. Abantu muri Kenya bawuzi kw'izina rya ""Sofia"" ariko ukorerwa mu Bushinwa kandi insiguro zose ziwerekeye zanditswe mu gishinwa gusa. Umurongo wa mbere uhinduwe mu rundi rurimi uvuga ko uwo muti urimwo ibinini vya ""Levonorgestrel Fast Estradiol"". Uwo muti (pillule) ""n'uwukinga gusama bamira ugakora igihe kirekire"", nk'uko umurongo wa kabiri uvuga. Umurongo wa gatatu utanga amakuru ku wuwukora: "" ""Zizhu Pharmaceutical Co Ltd"". Kudanzada uyo muti vyarabujijwe n’abategetsi ba Kenya haraheze imyaka 10 kubera urugero runini rw’ibiwugize bita levonorgestrel rurenga incuro 40 ugereranije n’ururekuwe. Levonorgestrel ni umuti ukora ku misemburo usanzwe ukoreshwa mu buryo bwo kuvyara ku rugero. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ntibwashize ahagaragara ivyo bwatoye vyose mu bushakashatsi bwakoze, ariko bwavuze ko abana bavutse kubera iyo miti itashoboye kubuza gusama inda bashika mu gihe co gushobora kurondoka/kuvyara (gutera canke gusama inda) hakiri kare cane. Wamaitha yabariye BBC ati: ""Sinari nzi ko  wabujijwe. Benshi mu bagenzi banje bariko barawukoresha kandi bo nta ngaruka wabagirako"". Co kimwe n’abandi bagore b’abanya-Kenya benshi, yari yashimye uwo muti kubera uzimbutse kandi ufatwa rimwe gusa mu kwezi. Iyo miti rimwe na rimwe yinjizwa mu gihugu bidaciye mu mategeko ivuye mu bihugu bibanyi. Abagore kenshi bagura ivyo binini Sofia buri kwezi - benshi mu babigurisha ntibemera gutanga vyinshi icarimwe. Ikinini kimwe kigurwa hagati ya 300 na 400 y'amashiringi ya Kenya (hafi 5.200 mu mafaranga y'Uburundi). Ubundi buryo bwo kuvyara ku rugero buboneka mu gihugu burimwo gufata ikinini buri munsi. Ibinini bimara ukwezi bigurwa hafi amadorari 1,70 (hafi 3.500 mu mafaranga y'Uburundi) mu mavuriro ya reta ariko ntivyama vyabonetse, gutyo abagore bagaca baja kubigurira mu mazu agurisha imiti (pharmacies) ku mafaranga menshi gusumba. Iyo ivyo binini bibuze, ubundi buryo bukoreshwa burimwo: Udukingirizo dutangwa ku buntu mu biro vya reta n'utuzu twa surwumwe rusangi ariko rimwe na rimwe hari aho duhera n'ubwo dushobora kugurwa mu ma butike. Wamaitha yagize ati: ""Kubera akanyuzi k'umujubu kizinze nka T kadakora ku misemburo katuma mbabara mu mugongo, nafashe ingingo yo kukavanamwo hanyuma nkoreshe ibinini"". Yari yashimye kandi ingene abagenzi biwe bari bamurangiye Sofia ata kiro na kimwe bongerako mu kuvyibuha - ivyo bikaba vyari mu vyo yabanza kuraba kugira amenye umuti yofata kuko yagwana arondera kutaduza ibiro [kutavyibuha gusumba]. Ariko kuva mu ntango ntiwigeze umumerera neza – naho yibazako umubiri wiwe uzomenyera uwo muti mushasha kuko yategerezwa gufata ibinini bibiri ubwambere mu nyuma akazoja arafata kimwe mu kwezi. Madame Wamaitha  yagize ati: ""Naciye ntangura kuja ndameneka umutwe nkagira n'iseseme. Ukwezi kwa mbere sinagiye mu butinyanka (mu kwezi)"". Ariko ntiyagize amakenga kuko mu kwezi gukurikira yagiye mu kwezi. Ariko ho aboneye mu kwezi kwa gatatu yongeye kutaja mu butinyanka, yaciye atangura kugira amakenga. Umugabo wiwe yaciye atangura kugira ubushakashatsi kuri ico kinini gikinga gusama inda aca asanga ico kinini carabujijwe. Avuga ati: ""Twaciye dutangura kugira ubwoba kuba twakoresheje umuti ubujijwe hanyuma aho menyeye ko mfise inda ntangura kugira impungenge ku ngaruka zawo ku mwana wanje [yari mu nda]"". Ubu bafise umwana w'umukobwa w'amezi atatu , ariko uyu muryango ubabazwa no kuba ata makuru ahari ku ngaruka zishobora kuzoshikira umwana wabo mu gihe ariko arakura. Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi, OMS, rivuga ko muri Afrika yo munsi ya Sahara abagore 50% bakeneye imiti ikinga gusama inda ari bo bonyene bashobora kuyironka. Muri Kenya , ibijanye no gukinga gusama inda bisa n’ibivugirwa mu vyongoshwa - ahanini kubera imico n'amadini muri iki gihugu aho ijambo rinini ari iry'umugabo. Abagabo bamwe bamwe ntibemerera abagore babo gukoresha uburyo bwo gukinga gusama inda kandi hari n'amadini amwe amwe atavyemera. Idini rya Kavonokya mu buseruko bwa Kenya, nk'akarorero, ntiryemera ubuvuzi bwa none, rivuga ko Bibiriya ico yemera gusa ari amasengesho n'igikorwa [c'Imana]. Ku bw'umuhinga mw'igwirirana ry'abantu n'iterambere, muganga Josephine Kibaru, gushikira abanyagihugu basanzwe ni yo yoba inzira y'uko hemerwa uburyo bwa none bwo gutandukanya imvyaro. Muganga Kibaru yabwiye BBC ati: ""Dukeneye ko abakorerabushake mu bijanye n'amagara mu kibano bahabwa ubushobozi n'amakuru kuko umugore akenshi ashobora kugirira icizere umubanyi canke umugenzi kurusha umukozi wo kwa muganga yahawe akazi kw'ivuriro."" Yavuze ko hari ukutamenya uburyo bwo gutandukanya imvyaro, hari kandi ibivugwa vyinshi canke bizwi ukutari ko bikeneye gusigurwa neza. Gufatanya ivyo vyompi kumbure ni vyo bikenewe, mu gihe muganga w'ibijanye no kuvyara Brigid Monda avuga ko abagore bakeneye gusaba impanuro abajejwe amagara kugira bashobore kumenya uburyo bwobabera bwiza bwo kuvyara ku rugero. Yabwiye BBC ati: ""Igikwiye kuri uyu ntigikwira kuri uriya"". Ariko abagore bamwe bamwe basanze atako bari bugire atari ukuvanga uburyo butandukanye bwo gukinga gusama inda kubera ukutaboneka kw'umuti baba batanguye gufata ku mavuriro yo mu gihugu hagati. Sofia uracaboneka vyoroshe n'ubwo wabujijwe. Kuba abagore batazi ko ubujijwe biterwa n'uko abanyagihugu badahabwa amakuru n'igisata c'amagara y'abantu, nk'uko bivugwa na muganga Kibaru. Avuga ati: ""Gukoresha ibinyamakuru vyonyene ntibikwiye. Gutanga ubutumwa ku bushake bugashikira abanyagihugu bato bato birakenewe cane kugira abanyagihugu batahure neza igituma umuti wabujijwe"". Abadandaza imiti barazi ko uwo muti wabujijwe - ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwarongeye kugabisha mu kwezi kw'icenda - ariko n'ubu babandanya kugurisha uwo muti kuko hari abawurondera. Ntushirwa ahabona, ariko ugurishwa mu mpisho ku bakiriya bizewe baza kuwugura buri kwezi. BBC yagendeye amazu menshi acuruza imiti ku murwa mukuru, Nairobi, kugira ikore amatohoza kuri Sofia - menshi yavuze ko Sofia utagurishwa. Umudandaza umwe – atashimye kuvugwa izina – yasiguye ko wariho ariko udashirwa ahabona, kandi ko amazu adandaza imiti yashobora kuwugura ku bandi bawurangura mu bihugu bibanyi. Mu ntango z’ukwezi kw'icenda, umukozi akora mu rwego rukurikirana imiti n'uburozi (Pharmacy and Poisons Board), yabariye ikinyamakuru co muri Kenya, Standard, ko hari intekera yafatiwe ku mupaka na Uganda. Wamaitha avuga ko nawe yaguze ivyo binini ku mugenzi aronka vyinshi abikuye kuri bene abo babiranguza. Yavuze ko umugenzi wiwe n’abandi bari baziko uwo muti ubujijwe igihe bawumurangira. N'aho yasamye inda ntivyaciye intege abo bandi kubandanya bakoresha uwo muti - n'imyidogo y'abagore mu migwi itandukanye yo kuri Fecebook ntaco yababwiye. Mu migwi nibura itatu aho bavuga Sofia, abagore batari bake bawufata bavuze ko basamye inda. Ibi vyatumye Wamaitha abandanya asaba abagenzi biwe n’abandi bagore kurondera ubundi buryo bwo kuvyara ku rugero. Ati: ""Ndazi ko iyo mvuze Sofia nca numva mpinze agashitsi. Sinzi uburyo nzokoresha kugira sinsame inda igira kane, ariko sinzosubira, sinzosubira gukoresha uwo muti.""" https://www.bbc.com/gahuza/articles/c84gqlg7p7ko +health Mu Buhunde niho kuri ubu ikiza ca covid-19 kimeze nabi kurusha ahandi kw'isi Igihugu c'Ubuhinde ku munsi kibonekamwo igitigiri kidasanzwe c'abandura covid-19, kikaba ari co gihugu kw'isi kimerewe nabi krusha ibindi muri iki gihe kubera iki kiza. Iyi video irihweza ibintu nyamukuru vyoba bibitera. https://www.bbc.com/gahuza/56982321 +health Uganda-Covid : Prezida Museveni yatanze akaruhuko ko gusengera igihugu cugarijwe na Covid "Umukuru wa Uganda Yoweri Museveni yatangaje ko umunsi wa gatanu uzoba umunsi w'ikiruhuko wo gusengera abakozi bo kwa muganga n'imiryango yakozweko n'ikiza ca Covid. Uganda yugarijwe n'umupfunda ugira kabiri wa Covid watumye prezida Musevenu asubizaho ingingo zo kugabanya uruja n'uruza mu gihugu. Inama nshingamateka ubu yabaye irahagarika ibikorwa mu kiringo c'indwi zibiri mu gihe abategetsi bavuze ko abakozi barenga 100 bayo batowe umugera w'iyo ndwara. Igitigiri c'abantu bicwa n'iyo ndwara ciyongeye incuro 10 mu minsi 15 iheze, ku bw'urubuga Our World in Data. Muri ubwo butumwa yanditse kuri twitter Prezida Yoweri Museveni avuga ati: ""Nemeye ivyasabwe n'abarongoye amadini ko twoshira igihugu mu gisabisho muri iki gihe duhanganye na Covid-19. Ndabasavye mwese musengere abakozi bacu bo kwa muganga n'imiryango yose yakozweko n'iki kiza. Kubera iyo mpamvu, ndatangaje ko ku wa gatanu (itariki 25) ari umunsi w'akaruhuko"". Gushika ubu muri Uganda abari munsi ya 2% y'abanyagihugu bose nibo bamaze kuronka nibura urucanco rwa mbere rwa corona." https://www.bbc.com/gahuza/57597646 +health WHO iragabisha ku miti y'inkorora ikorerwa mu Buhinde inyuma y'impfu z'abana muri Gambia "WHO/OMS iragabisha amakungu ku bwoko bune bw'imiti y'inkorora inyuma y'aho ivugiye ko ishobora kuba ifitaniye isano n'impfu z'abana 66 mu gihugu ca Gambia. Iryo shirahamwe rivuga ko iyo miti ""ishobora kuba ifitaniye isano n'ibikomere vy'amafyigo hamwe n'impfu abantu bashika 66 mu bana"". OMS yongerako ko iyo miti yakozwe n'ihinguriro ryo mu Buhinde, Maiden Pharmaceuticals, ritashoboye gutanga ivyemeza ko uwo muti umeze neza. Iryo hinguriro nta co rirabivugako. BBC yarondeye Maiden Pharmaceuticals kugira bagire ico babivuzeko. Abategetsi b'Ubuhinde bavuga ko basavye OMS kwerekana ivyemezo vy'isano hagati y'uwo muti hamwe n'izo mpfu. OMS ivuga ko iyo miti ari Promethazine Oral Solution, Kofexmalin Baby Cough Syrup, Makoff Baby Cough Syrup na Magrip N Cold Syrup. Mw'itangazo ryo kugabisha ku rubuga rwayo, OMS ivuga ko iyo miti ko ari ine iboneka muri Gambia, ariko ""ishobora kuba igurishwa ku masoko atazwi, mu bindi bihugu canke uturere"". Iryo shirahamwe rigabisha ko ikoreshwa ryayo rishobora gutuma haba ugukomereka gukomeye canke urupfu, na cane cane ku bana. OMS ivuze ivyo inyuma y'aho abategetsi bo muvyo amagara y'abantu muri Gambia - igihugu kigenderwa n'ingenzi nyinshi - baboneye ukwiyongera kw'ibikomere vy'amafyigo mu bana bari musi y'imyaka itanu mu mpera z'ukwezi kw'indwi. Reta ya Gambia yaciye ihagarika ikoreshwa ry'imiti yose y'amazi irimwo paracetamol ica ihamagarira abantu gukoresha ibinini mu kibanza cayo. OMS ivuga ko ibipimo vy'iyo miti ""vyemeje ko harimwo urugero ruhanitse rw'imisemburo ya diethylene glycol na ethylene itera ingwara."" Iyo misemburo n'ubumara, ingaruka ryayo ""harimwo kubabara mu kaziba k'inda, kuyogwa, gucibwamwo, kunanirwa gusohora umukoyo, kumeneka umutwe, guhungaban mu mutwe n'ibikomere vy'amafyigo bishobora gutuma umuntu apfa."" Mu kwezi guheze, abategetsi ba Gambia bajejwe amagara y'abantu bavuze ko abana barenga mirongo ibiri bapfuye, ariko nta gitigiri kanuni batanga." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cd125p3mjg3o +health Ubwo abagore bibungenze barashobora guhabwa urucanco rwa Covid-19? Biravana "Mu gihe urucanco rwa coronavirus rwari rurindiranywe igishika rwatanguye, biramaze kugaragara neza ko atari bose bazoshobora kururonswa. Ku bagore bibungeze hamwe n'abonsa, bizovana n'aho basanzwe baba kugira ngo baruhabwe. Mu bantu bakoreweko igerageza ry'urucanco rwa Pfizer-BioNTech, abagore bibungenze canke bonsa ntibarimwo, kandi iyi kompanyi ivuga ko amakuru aboneka kugeza ubu ""adahagije"" kugira ngo hamenyekane ingaruka zose uru rucanco rushobora kugira ku mugore yibungenze. Mu Bwongereza, ibi vyatumye ababijejwe bakuramwo abagore bibungenze n'abonsa mu mugambi wo gucandaga. Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abo bagore bo nyene ubwabo nibo bifatira ingingo. Ng'ibi ibituma ibi bihugu vyafashe inzira zitandukanye kuri iki kibazo, hamwe n'ico ibi bivuze ku bagore bibungenze. Gushika ubu, nta vyinshi. Ruth Faden, umuhinga mu bijanye n'inyifato ndongoramutima mu bijanye n'ubuvuzi kuri kaminuza Johns Hopkins isanzwe ikurikiranira hagufi Covid-19, akaba ariko akurikirana ibijanye n'uburenganzira hamwe n'amagara y'abagore bibungenze, avuga ati: ""Nta makuru dufise"". Nta kintu na kimwe kivuga ko uru rucanco rufise kugira ingaruka mbi ku bagore bibungenze n'abonsa, nta makuru akwiye ahari"". Pfizer ivuga ko kubona itashimye kugeragereza uru rucanco ku bagore bibungenze n'abonsa yakurikije impanuro yahawe n'ikigo ca Amerika kijejwe imfungurwa n'imiti. Abahinga bavuga ko ibi bishingiye ku mico. Muganga Faden avuga ati: ""Mu bihe bisanzwe ata biza karanda biriho, iyo uvuze ibijanye n'urucanco rushasha, abantu benshi biyemeje guharanira inyungu z'abagore bibungenze n'ibibondo vyabo bavuga ko abagore bibungenze batobigiramwo uruhara. Ntushobora kubaharurako cane"". Muganga Faden avuga ko mu nyifato ndongoramutima ijanye n'ibibazo vy'amagara y'abantu, abagore bibungenze bafatwa ""nk'abantu badasanzwe"". Ati: ""Muri rusangi, nta muntu n'umwe yita ku buzima bw'umwana nk'umugore yibungenze. Ikibazo ca mbere ukunze kubazwa ni 'ibi nta ngaruka mbi bizogira ku mwana wanje'?"" Ariko ingingo yo gushira ku ruhande abagore bibungenze muri iri geragezwa ry'izi ncanco ntiyoroshe na gato. Muganga Emily Stinnett Miller, umuhinga mu bijanye n'ukwibarutsa kuri kaminuza ya Northwestern akaba n'umwe mu bagize umurwi ujejwe kurwanya Covid-19 mw'ishirahamwe rihurikiyemwo abakora mu gisata c'irondoka rijanye n'amagara meza, avuga ati: ""Turi mu bihe bigoye. Bategerezwa gufata ingingo zikomeye mu buryo bwihuta, kandi hari ivyiza n'ibibi mu kubashiramwo canke kutabashiramwo"". Ikibazo gikomeye - ni ukuvuga iri kena ry'amakuru ahagije - kiragaragara neza ubu. Ati: ""Burya nta makuru ahagije dufise kugira ngo dushobore gufata ingingo dukeneye gufata"". Mu gihe ibi bihugu vyompi bihanzwe n'iyi ngorane yo kubura aya makuru ahagije ku bijanye n'abagore bibungenze n'abonsa, Ubwongereza na Amerika vyafashe inzira zitandukanye. Muganga Faden ati: ""Iyo udafise amakuru atomora neza ingene vyogenda kuri iki kibazo, intambwe ikurikira ni ukwibaza uti 'ni vyo, none dufate iki'?"" Ubwongereza bwafashe inzira yo kwinengesera. Muganga Edward Morris, umukuru w'ishuri rikuru ryigisha ibijanye n'irondoka n'amagara y'abakenyezi (RCOG) yasohoye itangazo aho avuga ati: ""Kubera ata geragezwa ry'izi ncanco za Covid-19 ryakozwe mu buryo bwihariye ku bagore bibungenze, nta bimenyetso bifatika vyerekana ko inkingo za Covid-19 zokoreshwa ku bagore bibungenze canke bonsa"". Abahinga muri Amerika bobo bafashe iyindi nzira, aho bahaye uburenganzira abagore bibungenze n'abonsa gufata ingingo bo nyene. Abajejwe amagara y'abantu muri Amerika n'Ubwongereza bavuga ko ibikorwa vy'igerageza vyoba vyabaye mu muvuduko udasanzwe, ariko y'uko ata ntambwe n'imwe yasimbwe, kandi ko ivyo ukwemeza urucanco kanaka biba mu gihe babonye ko ata ngorane rutera kandi ko rukora neza. Muri ibi bihugu vyompi, abagore bibungenze n'abonsa bazotegerezwa kurindira gushika baronse ayandi makuru imbere y'uko bafata ingingo kuri izi ncanco. Amakuru ya mbere y'ivyavuye mu bushakashatsi ku ngaruka z'ubumara bwa Pfizer zishobora kwibonekeza mu bijanye n'irondoka yitezwe gutangazwa imbere y'uko uyu mwaka urangira. Ubu bushakashatsi bumaze kurangira, iyi kompanyi ishobora gukoresha n'abagore bibungenze mu bikorwa vy'ukugerageza urucanco rwayo. Hariho kandi n'abagore basamye inda mu gihe bari mu bantu bariko barageragerezwako bazotegerezwa gukurikiranirwa hagufi mu gihe cose bazoba bibungenze. Ubu ingene ibintu bimeze, hari abagore bamwe bamwe bibungenze n'abonsa bavuga ko bazokwirinda uru rucanco. Akarorero ni nk'uyu mukenyezi w'imyaka 35, Joanna Sullivan, aba mu ntara ya Ohio, yiteze kwibaruka mu kwa gatandatu kw'umwaka uza. Avuga ko ata mugambi afise wo kwiteza uru rucanco mpaka abanze yibaruke. Ni co kimwe n'uyu mugore Amy Collender w'imyaka 34 wo mu karere ka Gloucestershire mu Bwongereza, avuga ko ashobora kwiyumvira uru rucanco mu gihe yonsa, ariko ni kubera umwana wiwe w'umuhungu ariko arakwiza imyaka ibiri. Avuga ati: ""Iyaba yari akiri uruyoya, sinashobora"", akavuga kandi ko iyaba yari acibungenze, yahitamwo kuruheba. Aba bagore bompi bavuga ko bo ubwabo badashobora kwemera kuja mu bantu bogeragerezwako uru rucanco, mu gihe bakirindiriye amakuru ahagije. Umupfasoni Sullivan ati: ""Ni uko bimeze, ndatahura igituma ata bagore bibungenze bagiye muri iryo gerageza. Ni nde yokwipfuza gushira umwana wiwe mu bibazo?"". Ariko rero, muganga Faden abona ko ari ngombwa ko n'abagore bibungenze hamwe n'abonsa nabo nyene ari ngombwa kubageragerezako uru rucanco nimba koko bashaka ko urucanco rwa Covid-19 rukora neza. Ati: ""Nta rucanco rwiza rw'iki kiza dushobora kuronka mu gihe tutaronse urucanco abagore bibungenze bashobora gufata, ngejeje aha""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55411439 +health Afrika ntikirangwamwo indwara y'ubukangwe/imbasa "Umurwi ujejwe ivyemezo mu karere ka Afrika (Africa Regional Certification Commission) watangaje ko indwara y'ubukangwe (indwara y'imbasa mu kinyarwanda) muri Afrika itakiri ikibazo. Indwara y'ubukangwe (polio mu gifaransa no mu congereza) ifata cane cane abana bari munsi y'imyaka itanu, ikanatera ubumuga. Irashobora no kwica mu gihe imitsi y'ihemero yafashwe n'ubwo bumuga. Iyi ndwara nta muti wayo uriho, ariko urucanco ruhabwa abana rubatuma bakingirwa ubuzima bwabo bwose. Iyi ndwara isigaye gusa mu bihugu vya Afuganistani na Pakistani. Nijeriya nico gihugu ca nyuma catangajwe ko ciganzuye ubukangwe ku mugabane wa Afrika, aho mu myaka idashika cumi carangamwo abarwayi barenga igice c'abarwaye iyo ndwara kw'isi yose. Ubukangwe ni indwara iterwa n'umugera (polio) wanduzwa hagati y'umuntu n'uwundi, akenshi biciye mu mazi mabi. Ni indwara itera ubumuga bitumwe n'uko ubwonko bwafashwe. Ibice birenga 95% vy'abanyafrika bose barakingiwe iyi ndwara. Iyi yari imwe mu ntumbero nyamukuru y'umurwi ujejwe ivyemezo muri Afrika kugira ngo ushobore gutangaza ko muri Afrika ata bukangwe bukiharangwa. Mu gihe iyo ndwara itagira umuti, urucanco rwakozwe mu 1952 na muganga Jonas Salk rwatanze icizere kinini ko abana bashobora gukingirwa iyi ndwara. Mu 1961, Albert Sabin yarongoye isekeza ryo gucandaga hakoreshejwe urucanco rwo kunywa rwari rusanzwe rukoreshwa mu bikorwa vyo gucandaga kw'isi yose. Mu 1996 ubukangwe bwamugaje abana barenga 75.000 ku mugabane wose - aho ibihugu vyose vyahuye n'aka kaga. Muri uwo mwaka, niho Nelson Mandela yaca atanguza isekeza yise ""Kick Polio Out of Africa"" (Dutuze ubukangwe muri Afrika), umugambi wegeranije abakozi bo mugisata c'ubuvuzi baharurwa muri za miliyoni bategetswe guca kuri buri gatumba bacandaga. Kuva mu 1996, amamiriyairidi y'incanco yaratanzwe, bituma abantu bashika umuliyoni 1.8 bofashwe n'ubukangwe batandura. Ibibazo vyabaye mu burere bumwe bumwe bugoye gushikamwo muri iryo sekeza ryo gucandaga. Nijeriya nico gihugu ca nyuma caranzwemwo ubukangwe mu 2016 - mu ntara ya Borno isanzwe ari ikiririmbiro ry'umurwi Boko Haram. Ico gihe hari haciye imyaka ibiri iyo ndwara itavugwa mu gihugu cose. Imbere y'aho, iyo ndwara yari yabonetse mu ntara ya Puntland muri Somalia mu 2014. Ibihuha kandi vyavugwa ku bijanye n'urucanco vyatumye utwigoro two gukinga iyi ndwara tugenda ku muvuduko muto. Akarorero ni mu ntara ya Kano no mu zindi ntara zimwe zimwe zo mu buraruko bwa Nijeriya nyene, aho mu 2003 abategetsi b'idini rya Isilamu babwira abantu ko urwo rucanco rwarimwo imiti itera ubugumba, bakavuga ko wari umugambi w'abanyamerika wo gutera ubugumba abagore b'aba isilamu. Umwaka wakurikiye iryo sekeza ryarabandanije, ariko ivyo bihuha bigumaho. Mu 2013, abakozi batanu b'abagore bakora muri iryo sekeza barishwe n'umurwi Boko Haram ubasanze ku kigo bakorerako. Vyafashe imyaka irenga mirongo kugira ngo iyi ndwara irwanywe kubera ibihuha vyavugwa kuri uru rucanco. Indwara y'ubukangwe ifata cane cane abana bari munsi y'imyaka itanu. Mu bimenyetso vyayo harimwo ubushuhe, kumeneka umutwe, uburuhe, kudahwa, kuremerwa izosi no kubabara mu ngingo. Ifata kandi ubwonko bigatuma mu masaha make gusa uwuyanduye amugara. Umwe kuri 200 baramugara ubutakivayo. Muri abo bamaze kumugara, ibice 5% gushika kuri 10% barashobora gupfa iyo imitsi ibatuma bahema yafashwe. Indwara y'ubukangwe irashobora kwinjira mu gihugu idasanzwe ivugwamwo ivuye hanze, kandi igashobora gukwirakwira ku muvuduko munini cane mu bantu batacandazwe. Ibi vyarabaye muri Angola yari yashoboye kuyirandurana n'imizi mu 2001 n'aho hari haciye imyaka n'iyindi iri mu ntambara. Iki gihugu caramaze imyaka ine yose iyi ndwara itavugwamwo gushika mu 2005 aho hasubiye kuboneka abayanduye, bikavugwa ko yari yavuye hanze. Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, ritera akamo ko utwigoro two gucandaga tubandanya kandi abantu bakama barikanuye, kugira ngo ntihagire abana basubira kumugara muri kazoza." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53907796 +health Umuntu wa mbere yanduye coronavirus muri Nigeria, Afrika y'Epfo nayo igiye gutahana abayo "Umuntu wa mbere yanduye wa mugera ruhonyabantu coronavirus muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara yatowe muri Nigeria. Uyo murwayi akomoka mu Butaliyano akaba asanzwe akora muri Nigeria, yageze ku mugwa mukuru Lagos ku wa 25 z'uku kwa kabiri avuye mu gisagara ca Milan mu Butaliyano. Abategetsi bamenyesha ko adasinzikaye kandi ko ariko aravurirwa mu bitaro i Lagos. Leta ya Nigera itangaza ko yari yariteguriye iki kibazo kandi ko yasubiye kuvyura ikigo kijejwe kurwanya ibiza kugira ngo came kigavye. Abategetsi bavuga kandi ko batanguye kurondera abo bose boba barakoranyeko n'uyo murwayi kuva ageze muri Nigeria. Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa yategetse ko abanyagihugu bayo bagera kuri 132 baba mu gisagara ca Wuhan catanguriyemwo uwo mugera mu Bushinwa batahukanwa. Ibiro vy'umukuru w'igihugu bimenyesha ko iyo ngingo yafashwe ejo ku wa kane inyuma y'inama nshikiranganji, kandi bisabwe n'imiryango y'abanya Afrika y'Epfo baba muri ico gisagara. Nta kiringo ntarengwa cashinzwe, ariko leta ivuga ko abo 132 kuri 199 basanzwe baba muri ico gisagara aribo basavye ko batahukanwa. Muri bo, nta n'umwe arandura uwo mugera canke ngo yerekane ibimenyetso vyawo, ariko bazoshikizwa ukwa bonyene mu kiringo c'iminsi 21 bamaze gushika muri Afrika y'Epfo ""nk'ingingo y'ukwiyubara"", nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umukuru w'ico gihugu. Ryongerako riti: ""Leta ibandanya ivugana n'imiryango y'abo bantu, kandi ibisata bibijejwe vyarategekanije ibikenewe vyose kugira ngo babakire"". Abajejwe amagara y'abantu hamwe n'abasirikare bazorungikwa gufasha mu gihe bazoba bashikanywe mu gihugu mu gikorwa co kubaronderera aho babashikiza. Ikompanyi y'indege y'ico gihugu, South African Airlines, yarahagaritse ingendo mu gihugu c'u Bushinwa. Igihugu ca Kenya coco nta ngingo kirafata yo guhagarika ingendo z'indege hagati y'ico gihugu n'Ubushinwa. Leta y'ico gihugu iranegurwa bikomeye inyuma y'aho yemereye ingenzi zivuye mu Bushinwa kwinjira muri ico gihugu, ubwa mbere mu kiringo c'indwi zibiri. Hirya y'ejo ku wa gatatu, abantu 239 barinjiriye ku kibuga c'indege c'i Nairobi bururutse indege China Southern Airlines, baca basabwa kwitandukanya n'abandi mu kiringo c'iminsi 14. Iyo ngingo yaraneguwe n'abatari bake. Ikinyamakuru Daily Nation gisubiramwo amajambo y'abanyagihugu banegura ubushikiranganji bw'umutekano, bw'imigenderanire n'ayandi makungu, bw'ukwunguruza abantu hamwe n'ubwo amagara y'abantu, bavuga ko leta iriko irakinisha ubuzima bw'imiliyoni z'Abanyakenya. Hari inzandiko zacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi zikaba zimaze guterwako igikumu n'abantu ibihumbi n'ibihumbi zisaba leta ya Kenya guhagarika ingendo zo mu Bushinwa kubera coronavirus. Abantu barenga ibihumbi 80 baramaze kwandura coronavirus mu bihugu 40. Abashika 60 nibo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n'uwo mugera hanze y'Ubushinwa, aho watanguriye. Hagati aho, igitigiri c'abandura uwo mugera hagati mu Bushinwa kibandanya kigabanuka. Ku mugabane wa Afrika, hampande ya Nigeria, ibihugu vya Algeria na Misiri navyo nyene biramaze gutangaza ko hari abanyagiohugu bavyo bawanduye." https://www.bbc.com/gahuza/51670619 +health Tanzania:Prezida Magufuli yemeye ko corona yasubiye kwinjira mu gihugu "Prezida John Pombe Magufuli yavuze ko abanyagihugu bagiye mu mahanga kwiteza urucanco bagaruka mu gihugu banduye ubundi bwoko bw'umugera, gutyo akaba yemeye ubwa mbere kuva mu kwezi kwa gatandatu ko hari abantu banduye umugera muri Tanzania. Mu mwaka uheze prezida Magufuli yatangaje ko igihugu ciwe kitakirangwamwo coronavirus avuga ko ibisabisho vyafashije igihugu gutsinda ico kiza. Ariko uyu munsi yavuze ko uwo mugera winjijwe mu gihugu n'abantu bavuye hanze kwiteza incanco. Prezida wa Tanzania John Pombe Magufuli yagabishije abajejwe amagara y'abantu ku kuzana incanco za Covid-19 - baterekanye ivyemeza - kuko zishobora kubangamira amagara y'abanyagihugu. Magufuli yavuze ati: ""Umushikiranganji w'amagara y'abantu ategerezwa kuhagabira, bashobora kwirukira izo ncanco hadakozwe ubushakashatsi, si incanco zose ari nziza kuri twebwe, dutegerezwa kwivyitondera. ""Incanco si nziza. Iyaba umuzungu yashobora gutora incanco, yobaye yaratoye urucanco rwa Sida, cancer na TB."" Prezida wa Tanzania, John Pombe Magufuli yagabishije kuvyerekeye urucanco rwa Covid-19 rumaze gutangura gutangwa mu bihugu bitandukanye vy'isi. Igihe yariko arugurura icese iterwa ry'ibiti mw'ishamba mu karere ka Chato mu ntara ya Geita, yagize kandi ico avuga ku kungene ingwara ya Corona yifashe mu gihugu, aca ahamagarira abanyagihugu kubandanya gusenga no kwiyubikira. Yagize ati: ""Tubandanya kwiyubara, no kwiyubikira hamwe no gusenga, mu gihe tubandanya n'akazi ka misi yose, murye neza muhage Corona inanirwe kwinjira mu mibiri yanyu."" Na yo kuvyerekeye ko hariho ubundi bwoko bwa corona, Magufuli yavuze ko hariho aba Tanzania baja gucancwa hanze y'igihugu ariko bakagaruka bazanye ubundi bwoko bwa corona. Prezida Magufuli yagize ati: ""Ndazi ko hariho aba Tanzania bamwe bamwe bavuye muri kino gihugu baja hanze gucancwa, bahejeje bagaca baza batuzaniye iyindi Corona y'ubundi bwoko."" ""Ntituze turirukira incanco incanco, si buri rucanco rutugirira akamaro, ni ngombwa ko aba Tanzania tuba maso, tugabe, tuzogeragezwa, tubandanya gusenga Imana yacu kandi tubandanye kwinengesera."" Ivyo prezida Magufuli abivuze mu gihe Ekleziya Katorika muri Tanzania yaraye isohoye itangazo aho igabisha ko ibitigiri vy'abandura coronavirus n'abicwa na Covid-19 bigenda vyiyongera, ihamagarira abanyagihugu gukurikiza ingingo zose zo kwikingira." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55829394 +health Mbega umunyu udafise icunyunyu 'iode' ufise ingaruka izahe? "Umushikiranganji w'ubudandaji, amahinguriro n'ingenzi mu Burundi aherutse kugabisha ko mu gihugu hibonekeza imyunyu mibi itagira ivyunyunyu bikwiye, aho yagabishije abadandaza ko leta idashobora kwihanganira urwo rudandaza. Gérard Niyondiko, umushakashatsi ari mu batoye isabuni ikinga imibu itera malaria, asobanura ingene iyo myunyu idakwije ibisabwa igira ingaruka mbi ku magara y'abantu. Asaba leta ko yohakanurira kugira ngo bacungere ko imyunyu iriko iradandazwa ikwije ivyunyunyu bisabwa. Mu kiganiro yagiranye na BBC, Bwana Niyondiko avuga ko iode, icunyunyu kirangwa ahanini mu munyu ukwije ibisabwa, ituma abantu bashobora gukura neza. Avuga ati: ""Barya bantu bakunze kwitwa ibitandara baba barabuze ico cunyunyu ca 'iode' mu mubiri wabo kirangwa mu munyu"". Bwana Niyondiko avuga kandi ko iyo abantu babuze umunyu urimwo 'iode' bashobora kurwara izindi ndwara nk'umwingo, indwara zo mu mutwe canke indwara zituma abana batagira ubwenge bukwiye. Bwana Niyondiko avuga ko iyo umuntu atariye umunyu, hariho n'utundi tuntu duto duto bashobora kuronkamwo ico cunyunyu ku rugero ruto ruto. Ati: ""Mu bisanzwe, umunyu ni co kintu gikuru abantu baronkeramwo 'iode', ariko hariho n'ibindi nk'amazi usanga afise ico cunyunyu, n'imfungurwa zimwe zimwe bashobora gusangamwo 'iode'"". Mu gihe bivugwa ko umunyu uba warobwe mu mazi ari wo urimwo 'iode' ikwiye gusumba uwo baba bimvye i musozi, Bwana Niyondiko avuga ko mu bisanzwe abantu badashobora kumenya ko urimwo 'iode' canke itarimwo. Ati: ""Mu bisanzwe ni igikorwa ca leta co gusuzuma ko imyunyu idandazwa mu gihugu ikwije ivya ngombwa kugira amagara y'abanyagihugu akingirwe""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49672373 +health Ubushakashatsi bwerekana ko kurya amagi kenshi bishobora gutera indwara z’umutima "Abahinga mu vyo amagara y'abantu bavuga ko gufungura amagi hampande y'izindi mfungurwa bishobora gufasha umubiri guhingura ivyo ukeneye kugira ugire amagara meza. Nk'akarorero, ubushakashatsi bwerekana ko kwongera igi rimwe mw'i salade vyongereza urugero rwa vitamin E dukura muri zo. Hagati aho, abahinga bamaze igihe kitari gito bihweza nimba gufungura amagi ata ngaruka bishobora kugira ku magara yawe. Inyishu kuri ico kibazo ishobora kuvana n'igitigiri c'amagi wihereza ku ndwi - nk'uko vyerekanwa n'amatohoza mashasha yatangajwe mu kinyamakuru c'ubuvuzi muri Amerika (JAMA). Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, kwihereza amagi abiri gusa buri munsi birashobora gutera indwara z'umutima mbere bigatuma umuntu ashobora gupfa hataragera. Ivyo biva ku rugero runini cane rw'icunyunyu bita kolesteroli rusanzwe ruri mu muhondo w'igi. Igi rimwe rirashobora kugira urugero rwa miligrama 185 za kolesteroli nk'uko bivugwa n'igisata kijejwe uburimyi muri Amerika. Urwo rugero rusumba igice c'urugero rwa kolesterol umuntu yemerewe gufungura ku munsi, ariwo miligramu 300, rwemewe n'ishirahamwe OMS rijejwe amagara y'abantu kw'isi. Ibiharuro biherutse gutangazwa, vyerekana ko kuva mu mwaka wa 2015 Amerika ari igihugu kigira gatanu kirya amagi menshi kw'isi - aho umuntu umwe arya ayashika 252 ku mwaka. Ivyo biharuro vyerekana ko ico gihugu gifise ingorane ziva ku ndwara z'umutima, aho zituma impfu ku bice 20 % . Umwe mu bakoze ubwo bushakashatsi akaba n'umuhinga muvyo imiti y'ukwikingira kw'ishure kaminuza rya Northwestern University, Norrina Allen, avuga ko vyiza ata muntu akwiye kurenza amagi atatu ku ndwi. Anahanura abakunda kuyihereza ko vyiza bokwibanda cane cane kurya umweru w'igi. Ati: ""Si mbwiye abantu ngo bakure amagi ku rutonde rw'imfungurwa zabo, ndabahanura gusa kutarenza urugero"". Ubwo bushakashatsi bwatangajwe mu ntango z'uno mwaka buriyamiriza ibivugwa ko gufungura amagi ata ngaruka mbi bifise ku magara yacu. Abahinga bakoze ubushakashatsi ku bantu 30.000 mu kiringo c'imyaka 17, bakaba basanze ko kurya igi rirenze rimwe ku munsi, n'aho worenzako inusu yaryo, bishobora gutuma umuntu afatwa n'indwara z'umutima, mbere n'urupfu rukajamwo. Allen avuga ati: ""Twasanze kurya igi rirenze rimwe, n'aho worenzako igice caryo, iminsi yose bishobora gutuma umuntu arwara indwara z'umutima ku bice bitandatu kw'ijana (6%)"". Ubushakashatsi bwo muri kahise butandukanye n'ubu bushasha. Ubu bushakashatsi bushasha, buratandukanye n'ubwari bumaze gukorwa bwerekana ko atasano riri hagati y'indwara z'umutima n'ugufungura amagi. Hagati aho, Allen avuga ko ubwo bushakashatsi bw'imbere yabo bwakoreye ku bantu bake cane kandi butafashe umwanya ukwiye w'ugukurikirana abafungura amagi. Abashakashatsi babukoze baremera ko hashobora kuba harabaye amakosa ku vyo bobo batoye. Bobo bakoze ayo matohoza bakoresheje uburyo bw'ibibazo gusa, aho ababazwa vyaba ngombwa ko bibuka ivyo bariye mu kiringo c'amezi canke imyaka. Abandi bashakashatsi bavuga kandi ko ivyavuye muri ayo matohoza ari ivyo gusubira kwihweza, bakavuga ko n'aho vyaboneka ko hari isano hagati y'ukurya amagi n'iyongerekana ry'indwara z'umutima n'impfu za kare, badashobora gusigura ikibituma. Ubushakashatsi bwa JAMA bwihweje ivyavuye mu matohoza yakozwe incuro zitandatu ku bantu 30.000 bakoreshejwe muri ubwo bushakashatsi mu kiringo c'imyaka17. Abashakashatsi bashitse ku cegeranyo kivuga ko kurya miligramu 300 za kolesteroli buri munsi bituma umuntu ashobora kwandura indwara z'umutima ku bice 17 kw'ijana, n'impfu ku bice 18 kw'ijana. Iyo ngorane irashobora kwiyongera cane bivuye ku gufungura amagi, aho abahinga bavuga ko kurya amagi atatu canke ane ku munsi bishobora gutuma umuntu yandura indwara z'umutima ku bice 6%, mbere ku bice 8% agashobora gupfa hakiri kare. Ubwo bushakashatsi bwerekana ko ivyo bitavana n'imyaka umuntu afise, inguvu ziwe, kunywa itabi canke kw'ivumbuka ry'amaraso. Norrina Allen ati: ""Ubushakashatsi bwacu bwerekana ko, iyo abantu babiri bafunguye indya zimwe bagatandukanira ku kurya amagi gusa, urya muntu arya amagi menshi niwe ashobora guhura n'ibibazo vy'indwara z'umutima ku rugero runini""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49836465 +health VIH/Sida: Menya intambwe zitatu zimaze guterwa mu kuyirwanya "Na Leire Ventas BBC Mundo, Los Angeles Ubu wanduye   umugera wa Sida, ntibikiri nko kuba uciriwe urubanza rwo gupfa nk’uko vyari bimeze mu myaka mirongo iheze, kuko ubu ushobora kubaho ubuzima busanzwe. Ubu nibwo butumwa bukomeye mw’umwizero butangwa n’abari mu gisata kijejwe kurwanya uyu mugera wa VIH utera indwara ya Sida. Kuva hamenyekanye abantu ba mbere banduye iyo ndwara mu myaka ya 1980, abantu barenga imiriyoni 40 baramaze  gupfa bahitanywe n’indwara zifitaniye isano n’uwo mugera, hamwe n’indwara iterwa nawo, izwi nka Sida. Mu mwaka uheze wonyene, iyo ndwara yahitanye abantu 450.000, imiriyoni 1,5 nabo barandura umugera wayo, nk’uko biri mu biharuro bitangwa n’ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS/WHO. Urwo rwego ruvuga ko imiriyoni 38,4 kw’isi bagendana umugera, 2/3 bakaba baba ku mugabane wa Afrika. Ubu, uburyo bwo gupima umugera hakiri kare bwararwiriye, imiti nayo iriyongera kandi igashikira abayikeneye. Hari n’ibihugu biri hafi yo kuwutuza burundu. David Goodman-Meza  umwigisha wa kaminuza,  abwira BBC ati:  ""Tumaze imyaka 40 dukora ubushakashatsi, kandi, n’aho ata rucanco dufise, hari intambwe zikomeye zimaze gushikwako mu kurwanya uwu mugera, kuwuvura no gukomeza amagara y’abamaze kuwandura”. None ni izihe ntambwe nyamukuru zitatu zoba zimaze guterwa zigatanga n’umwizero mu rugamba rwo kurwanya iki kiza? Umugera wa SDA, ari wo VIH, utera abasoda b’umubiri ukabaka  inguvu zo gushobora kurwanya izindi ndwara zitari nke, harimwo n’ubwoko bumwe bumwe bwa kanseri (cancer) umubiri w’umuntu wari ushoboye kurwanya mu buryo bworoshe. Iyi ngorane irashobora gutorerwa umuti n’imiti yo gupfupfahaza, izwi nka Antiretroviral therapy canke ART mu mpfunyapfunyo. Kuva mu 2016, OMS yategetse ko abo bose banduye umugera wa SIDA bahabwa ART ubuzima bwabo bwose, harimwo abana, imiyabaga n’abagore bibungenze ata kuraba nimba hari izndi ndwara bariko barivuza. Ibi vyatumye mu mwaka uheze, abantu imiriyoni 28,7 banduye umugera kw’isi bahabwa iyi miti ipfupfahaza. Iyi miti ntabwo ivura uwu mugera, ariko ituma utiyongera mu mubiri bigatuma abasoda b’umubiri bagira inguvu zo kurwanya izindi ngwara. Ayako Miyashita  wo mu kigo ca California c’ubushakashatsi ku mugera wa SIDA, (California HIV/AIDS Policy Research Centers, CHPRC) avuga ati: ""Vyongeye, ico twize muri ino myaka ya vuba ni uko iyo umuti ufashwe neza ugabanya ivyago vyo gukwiragiza umugera ku rugero rwa 100%”. Avuga ati: ""Iyo umugera udashobora kuboneka mu mubiri w’umuntu, ni uko aba adashobora kuwanduza ku muntu wundi n’umwe”. Iki rero ni ikintu gikomeye cane, atari mu kurwanya iyi ndwara gusa, ariko kandi no kurwanya inenwa ku bagendana umugera”. Avuga kandi ko muri ino myaka ya vuba habaye intambwe “zidasanzwe” mu bijanye n’ubwo buvuzi. Umwigisha wa kaminuza Goodman-Meza  avuga ati: ""Ibintu vyarahindutse cane kuva mu myaka ya 1990 canke 2000, aho abarwayi bategerezwa gufata imiti myinshi ku musi umwe n’ingaruka yabagirako”. Ubu ni ikinini kimwe gusa ku musi kandi nta ngaruka nini kibagirako. Kandi ubushakashatsi burabandanya muri iki gisata, barondera ubuvuzi bw’igihe kirekire. Mu mwaka uheze, ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura imiti n’imfungurwa (Food and Drug Administration, FDA) caremeje umuti wa mbere ukora igihe kirekire, urushinge rw’imiti ibiri umuntu aterwa rimwe mu mezi abiri. Miyashita  ashimangira ati: ""Iyumvire ico bisigura nko ku muntu yari amaze imyaka mirongo ari ku binini vya misi yose”. Kuri Suzi Steward w’imyaka 62 agendana umugera wa Sida kuva mu 2006, nico kintu ca mbere gikomeye cabaye kuri we mu myaka 15. Yabaye mu murwi wageragerejweko uwo muti, mbere igihe yemererwa kuba muri uwo murwi yararize kubera umunezero. Yabwiye ikinyamakuru gitangaza amakuru ku bijanye n’amagara y’abantu, Healthline,  ati: ""Ni ukuri nari ndushe n’ibinini biguma binyibutsa ingwara yanje imisi yose”. Hari kandi n’ubushakashatsi buriko burakorwa ku miti yohabwa abantu imibiri yabo itakira iyi miti yo gupfupfahaza. ""Hari intambwe zikomeye zatewe mu kuvura uwu mugera, ariko ikintu nyaco gikomeye kiri mu rwego rwo gukinga”, niko  Miyashita  wo mu kigo CHPRC avuga. Aha ashaka kuvuga umuti uzwi nka prophylaxie pré-exposition/ pre-exposure prophylaxis, uzwi mu mpfunyapfunyo nka PrEP. Mu gihe PrEP ifashwe imisi yose, ishobora kugabanya ivyago vyo kwandura umugera utera Sida uciye mu guhuza ibitsina ku rugero rwa 90% canke 70% biciye mw’ikoreshwa ry’inshinge canke ibikoresho bindi bitobora uruhu bidatunganye, nk’uko bivugwa n’ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura indwara, Centers for the Disease Control and Prevention (CDC). Ikompanyi ya Amerika ihingura imiti, Gilead Sciences, yatanguye kuyigurisha mu 2012 yitwa Truvada. Haciye imyaka itatu, OMS yaciye itangura gusaba ko yokoreshwa mu gukinga umugera wa Sida ku mirwi y’abantu bari mu vyago vyinshi vyo gushobora kuwandura , nk’abahuza ibitsina babisangiye, ababeshejweho n’ubumaraya, canke abafise abakunzi banduye umugera. Ariko rero, n’aho mu bihugu biteye imbere habonekamwo akarusho, uturere tubangamiwe cane gusumba utundi nta nyungu ibonekamwo kubera igiciro cayo kiri hejuru. Goodman-Meza  avuga ko n’imiti y’urushinge imara igihe kirekire iherutse kwemezwa. Aha ashaka kuvuga nk’akarorero ku muti w’urushinge uriko urageragerezwa muri Afrika y’Epfo wagiye kuboneka ko ari intambwe ikomeye: watumye abariko bawugeragerezwako bagira amahirwe manini yo kutandura umugera wa Sida ku rugero rwa 88% gusumba ibinini bariko barafata imisi yose. Muri ino myaka ya vuba, urugero rw’abandura rwaragabanutse, umuti wa PrEP uterwa mu rushinge ukaba ari wo muti wa mbere ufise akamaro kanini mu kwirinda umugera wa Sida igihe kirekire. Inyuma y’imyaka hafi 40 y’ubushakashatsi, nta rucanco rwa SIDA rurashobora kuboneka. Iziriko zirageragezwa ziracari ku rugero rwo hasi cane. Anthony S. Fauci yahoze ari umukuru w’ikigo kijejwe kurwanya indwara z’uguhuganirwa n’izandukira, National Institute of Allergy and Infectious Diseases (NIAID), ubu akaba ari umuhanuzi w’umukuru w’igihugu mu vyo amagara y’abantu, avuga ati: "" Gutora urucanco rwa SIDA biboneka ko kikiri ikibazo c’ingorabahizi”. ""Inyuma y’aho dutoreye incanco nyazo za Covid-19, turafise amahirwe menshi yo kuraba uno musi nimba twoshika ku ntambwe nk’iyo mu kurwanya umugera wa SIDA”. Miyashita  ati: ""Muri iki gihe, nta rucanco turaronka, kandi nta n’umuti turaronka”. Nivyo ko hari abantu bazwi ko bashoboye gukira, canke n’imiburiburi bakamara amezi atari make badafise umugera. Ariko ibi ni ivyavuye mu buvuzi n’amagerageza bishasha bitoroshe gukoresha ku bantu banduye. Uyu muhinga ashimangira ati: ""Kimwe mu bintu tudashobora kwibagira ni uko hari abantu bagendana umugera wa SIDA ubu kandi mu gihe tuzoba tutarashika kuri iyo ntambwe yo kuronka, atari urucanco gusa, ariko kandi n’umuti, turacafise igikorwa gikomeye imbere yacu”. Hanyuma kandi, ntitwibagire ko atari ibihugu vyose bifise ubushobozi bwo kuronka ibiva muri ubu buhinga. ""Uburinganire ku magara no kuvurwa neza ni ikintu kitarashikwako kw’isi. Rero iterambere muri ubwo buhinga mu vyo amagara y’abantu ntaco rivuze. Mu gihe tudashitse ku rugero rw’aho bose bazoba bashobora kuronka ubwo buryo, ntiturote twibaza ko umugera wa SIDA tuzoshobora kuwutuza”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c4n2vgwkppzo +health Coronavirus: Uganda iriko irondera umutanzania yanduye kugira imusubize iwabo Ubushikiranganji bw'amagara yu'abantu bwa Uganda bumenyesha ko buriko burarondera umutanzania yanduye coronavirus kugira ngo bumusubize mu gihugu ciwe. Uyo mugabo w'imyaka 34, asanzwe ari umushoferi w'amakamyo, akaba yinjiye muri ico gihugu kuwa 16 z'uku kwa kane, yinjirira ku mupaka wa Mutukula avuye i Dar es Salaam. Nk'uko bimenyeshwa n'ubwo bushikiranganji, uyo mugabo ntiyashotse yerekana ibimenyesto vya Covid-19. Ingingo ya Uganda yo gusubiza iwabo abanyamahanga banduye umugeracoronavirus yateye impanri nyinshi ku mbuga hwaniro zitandukanye, haba mu gihugu canke no hanze. Ku munsi wa kane, umushikiranganji w'amagara y'abantu Ruth Jane Aceng yamenyesheje ko ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko vyumvikanye ko umuntu uwo ari we wese wo muri ivyo bihugu azopimwa agasanga yaranduye coronavirus ko azoca asubizwa iwabo kugira ngo avurirweyo. Avuga ko buri munsi Uganda yakira abashoferi b'amakamyo bashika 3000 bava mu bihugu vy'akarere ka Afrika y'Ubuseruko, ko rero ata bushobozi ifise bwo kubavura. Ejo ku wa gatanu, Uganda yatangaje ko mu badereva b'amakamyo bashika 774 bafashwe ibipimo ku mipaka imbere y'uko binjira mu gihugu hari umwe bahavuye basanga yaranduye. Gushika ubu, Uganda ifise abantu 55 bamaze kwemezwa ko banduye Covid-19. Mu ntango z'ino ndwi, umukuru w'ico gihugu, Yoweri Museveni, yarongereje ikiringo ca Gumamurugo gushika ku minsi 21 anavuga ko n'izindi ngingo zose zafashwe imbere y'iyo ngingo zizobandanya uko bisanzwe. Muri zo harimwo kubuza amakoraniro, kwugara amasengero hamwe n'ibigo vy'amashure. Abemerewe gukora akazi bonyene ni abo mu gisata c'amagara y'abantu, abajejwe umutekano, abakozi b'amabanki hamwe n'abamenyeshamakuru. Amamodoka yunguruza abantu yarahagaritswe, co kimwe n'indege zitwara ingenzi. Amamodoka atwara imizigo n'indege nazo nyene zitwara imizigo nivyo vyemerewe kubandanya bikora. Hagati aho, abadereva hamwe n'abandi bakozi bo muri izo ndege bategerezwa gushirwa mu bibanza vya leta vyateguwe gushirwamwo abiketswe ko banduye. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52339020 +health Kenya-Covid: Kudatembera mu masaha y'ijoro bizobandandanya ayandi mezi abiri Umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta yongeye ayandi mezi ibiri ku kiringo c'umukwabu wo mw'ijoro uhera isaha zine ugashikana isaha cumi zo mu gitondo mu ntumbero yo kwirinda ukwiyongera kw'abandura umugera wa Covid-19. Muri Kenya haheze hafi umwaka abantu batarekuriwe gutembera mw'ijoro, ariko umukuru w'igihugu avuga ko kwongereza ico kiringo bikenewe kubera ukwiyongera kw'abandura. Ububare n'amazu y'uburiro azoguma arekuriwe gukora gushika isaha zitatu z'ijoro muri ico kiringo. Umukuru w'igihugu yanahagaritse kandi amakoraniro yose ya poritike mu kiringo c'iminsi 30. Gushingura uwapfuye bitegerezwa gukorwa mu kiringo c'amasaha 72, abantu bateranga 100 akaba aribo barekuriwe kwitaba urubanza rwo guherekeza uwapfuye. No ku rubanza rw'ubugeni ntibazorenga abo. Ibitgiri vy'abandura muri Kenya bimaze igihe vyiyongera uko hongerekana amakoraniro ya poritike aho ingingo zo kwirinda Covid zitubahirizwa uhereye no ku banyaporike bo hejuru. Ubu rero umukuru yaciye ategeka ko abanyaporitike bose batubahiriza izo ngingo bafatwa, hatarabwe igihagarararo cabo. Mu kwezi kwa mbere handura abantu badashika ijana ku munsi, ariko mu kwezi kwa gatatu ibitigiri vyaraduze gushika ku 750 ku munsi. Umukuru wa Kenya yavuze ko igihugu kimaze gutakaza mirayaridi 5,1 z'ama dollars mu 2021 kubera ingingo za Covid-19 . Avuga ko zafashwe kugira birinde impfu z'abantu bashobora gushika 150.000 n'abantu barenga umuriyoni bari kuba banduye gushika kuri Noel iheze , nk'uko bigereranywa n'abahinga. Yavuze ko butunzi bwiyongeye kuri 0.6% kuri 6.2% bari biteze. Ubu igihugu citeze izamuka ringana na 7% mu 2021. Gushika ubu Kenya iharura abantu 1899 bamaze kwicwa na Covid-19 n'abarenga 111.000 bamaze kwandura uwo mugera. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56371245 +health Covid - UK: Abagore bibungenze basabwa kudateba kwiteza urucanco "Reta y'Ubwongereza itera akamo abagore bibungenze kudateba kwiteza urucanco rwa coronavirus. Ikigo c'Ubwongereza citaho irondoka, Obstetric Surveillance System, kivuga ko abagore bibungenze barenga 96% basanzwe bari mu bitaro kubera Covid hagati y'ukwa gatanu n'ukw'icumi umwaka uheze ari abatari bw'ibicandagishe. Iri sekeza rigiye gushira ku maradiyo n'imbuga hwaniro ivyemezo bitangwa n'abagore bibungenze bamaze kwiteza incanco. Reta ivuga ko uru rucanco rumeze neza kandi ko ata ngorane rutera ku bijanye n'irondoka. Mu kw'icumi na kabiri, umurwi ujejwe incanco warashize abagore bibungenze ku rutonde rw'abategerezwa gucandagwa imbere y'abandi bose, ukavuga ko bari mu bantu bari mu vyago vyinshi vyo kwandura Covid. Hari umugore umwe kuri batanu mu bagore bari mu bitaro bibungenze vyabaye ngombwa ko bibarutswa imbere y'igihe kugira ngo babafashe kurokora ubuzima, mu gihe uruhinja rumwe kuri zitanu rwakeneye gukurikiranirwa hagufi, nk'uko bivugwa n'ikigo citaho amagara y'abantu, Department of Health and Social Care (DHSC). Kuva mu kwa kane 2021, abagore bari biteguriye kuvyara barahawe urucanco rwa Pfizer-BioNTech canke rwa Moderna. Hari abagore bibungenze 84.000 baronkejwe urucanco rumwe, nayo abarenga 80.000 bakaba bararonkejwe icanco zibiri za Covid-19 kuva ico gihe, nk'uko iki kigo kibivuga. Igihe uwu mugambi wo gucandaga utangura mu Bwongereza, abagore bari bibungenze bahanurwa kwiteza urucanco mu gihe baba bari mu murwi w'abantu bashobora kugeramirwa canke bari mu bikorwa bishobora kubatuma bandura. Dr Jen Jardine, wo kw'ishure kaminuza Royal College of Obstetricians and Gynaecologists, akaba amaze amezi indwi yibungenze mbere akaba yararonkejwe urundi rucanco rwo kwongereza ubudahangarwa, avuga ati: ""Jewe ubwanje nk'umuganga nkongera nkaba nibungenze, ndemeza ata nkeka ko incanco za Covid-19 zikingira neza wewe nyene hamwe n'uyo mwana ataravuka kugira ntimwandure uwu mugera. ""Nosaba nshimitse abagore bibungenze nkanje, nimba utararonka uru rucanco, ko wovugana n'umuganga agukurikirana canke umwakirizi mu gihe woba ugikekeranya hanyuma ugasaba uru rucanco uno musi nyene"". Prof Lucy Chappell, umuhanuzi mukuru mu bijanye n'ubuhinga mu kigo DHSC, avuga ati: ""Kwiteza urucanco rwa Covid-19 ni kimwe mu bintu nkenerwa cane umugore yibungenze ashobora gukora uno mwaka kugira ngo yikingire yongere akingire umwana wiwe uwu mugera. ""Ubu dufise ivyemezo vyinshi vyerekana ko izi ncanco ari nziza kandi ko ingaruka ziterwa na Covid-19 zikomeye cane"". Ku wa Mungu, Ubwongereza bwaharuye abantu bashasha banduye bashika 141.472, hamwe na 97 bapfuye mu misi 28 kuva aho batorewemwo Covid." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59933564 +health Covid: Abafungura binenaguza bashobora kuba batumva akamoto n'akanovera k'indya. "Abana batanguye kuza barinenaguza mu gufungura barashobora kuba bariko barerekana ibimenyetso vya nyuma yo kwandura Covid birimwo kutamoterwa no kutumva akanovera, nk'uko bivugwa n'abahinga. Paromia, ikimenyetso aho abagifise usanga bafise ingorane zo kumoterwa, ni ingaruka yizwe neza yigaragaza mu bantu bakuze bigeze kurwara Covid. Kaminuza ya East Anglia (UEA) n'ishiramwe ry'abagiraneza Fith Sense vyashizeho ico bokwisunga mu kubibona ku bana. ''Nibazako hari abavyeyi benshi batakimenya 'ico bokora kandi bihebuye vy'ukuri'' nk'uko bivugwa na Carl Philpott wo kuri Kaminuza UEA. ""Kenshi ico kibazo gituma abana baterekwa ibifungurwa, kandi benshi barashobora kuba badafungura na gatoyi."" Iki kibazo, avuga ko cashikiye abantu bakuze bashika ku 25.000 kubera Covid, gishobora gutuma ivyo kurya bizana akamoto canke akanovera kabi, gasa nk'ak'inyama iboze canke ubumara. Umwigisha Philpott, yize ibice bikora mu kumoterwa kuri Kaminuza y'ubuganga ya Norwich yavuze ko bwabaye ubwambere atangura kubona abakiri bato bafise ibimenyetso vyo gutakaza kumoterwa kuva atanguye uyu mwuga. Yongeyeko ati ""ni ikintu gushika ubu kitaremezwa vy'ukuri n'abanyamwuga mu vy'ubuvuzi, bibaza yuko abana baba bariko barinebaguza mu gufungura ntibabone ko hariho ikibazo kivyihishe inyuma"". ""Ku bana bamwe - cane cane abasanganywe ikibazo co gufungura, canke bafise uburwayi bwo mu mutwe nka autism - birashobora kugorana cana."" Kuva aho arwariye Covid mu kwezi kwa Myandagaro (9), Malisse Kafi w'imyaka 11, vyaciye bimugora gufungura canke kunywa kuko vyose vyagira akanovera ""k'amazirantoke canke amagi aboze"". Nyina wiwe Dawn Kafi w'i Liverpool, yavuze yuko indya zamuteye kumokorwa. Mu mezi abiri, yaciye anyarukanwa kwa muganga yafashwe n'umwumira, amaze gutakaza ibiro 2. Yagize ati ''vyari biteye ubwoba''. ''Vyari bigoye kugira ico ukora. Twakoze uko dushoboye kugira afungure, twatetse ibifungurwa akunda vyose, ariko vyose vyamutera kurwara cane''. Malisse basanze afise parosmia baca bamuha inkabuzo ya steroid icishwa mu zuru, ariko ntaco vyafashije kandi igihe yari mu bitaro yagaburirwa hakoresheje agahora (tube). Madamu Kafi yagize ati ""Ntitwari bwumve parosmia"". ''Vyari bibabaje cane kubona amagara yiwe asubira inyuma, agaheba gufungura rwose''. Malisse ubu afata ibifungurwa bitamugwa nabi birimwo ifi ya salmon na foromaje ya Dairylea, ariko nk'uko nyina abivuga ""aba arushe cane anafise imbeho igihe cose"", kandi afise ibibazo vy'amagara vy'urutavanako. Duncan Boak wo muri Fith Sense, ishirahamwe ry'ubugiraneza ry'abantu bashikiwe n'ibibazo vyo kumoterwa no kwumva akanovera, yavuze ko bumvise inkuru zemeza yuko abana vy'ukuri bagira ingorane zo gufungura nyuma yo kurwara Covid. Yagize ati ""Twarumvise amakuru ya bamwe mu bavyeyi usanga abana babo bafise ingorane zo gufungura kandi bagatakaza ibiro, ariko abaganga bakavuga ko ari ukwinenaguza ibifungurwa gusa."" ""Turashaka cane gusangira ayandi makuru kuri iyi ngorane n'abahinga mu vy'amagara kugira bamenye ko iki ari ikibazo gishika kure."" Icerekezo, catunganijwe na Prof Philpott na Fifth Sense, cerekana yuko abavyeyi bashobora gufasha mu gutegura ikirangaminsi c'imfungurwa zitamerera nabi abana hamwe n'iziteza ingorane. Abana bari bakwiye guhimirizwa kugerageza ibifungurwa bisyeye, kugira barabe ivyo boshobora bikanabaryohera, kandi bakagerageza gukoresha utuntu tuzibira izuru bariko barafungura, kugira bakumire akanovera. Ico cerekezo kandi gihimiriza uburyo bwo ""kwimenyereza kumoterwa"" mu kwimotereza ibintu nka bine bitandukanye inshuro zibiri ku munsi, mu kiringo c'amezi menshi, bikazofasha gukira." https://www.bbc.com/gahuza/60042995 +health Igihugu ca Lesotho cahagurukiye umugera wa SIDA mu mabohero "Mw'ibohero rikuru ry'abagabo ku mugwa mukuru wa Lesotho, Maseru, abapfungwa bama baronswa inyigisho z'ingene bokwikingira umugera wa SIDA. Iryo bohero ririmwo abapfungwa barenga 700, abategetsi bakavuga ko abarenga ica gatatu muri bo bawugendana. Niho umugambi w'ugutanga udukingirizo ku bapfungwa watanguriye, haciye imyaka itatu. Icigwa cakozwe mu mwaka wa 2016 cerekana ko abatari bake muri abo bapfungwa bakora imibonano mpuzabitsina batikingiye, bigatuma bashobora kwandura uwo mugera. Ico cigwa casavye ubutegetsi ko bwokwiragiza udukingirizo. Umunyamakuru wa BBC Namukabo Werunga i Maseru, yavuganye n'umwe mu bapfungwa bari muri iryo bohero, aho yamubwiye ko abapfungwa benshi bakora imibonano mpuzabitsina kandi ko bitabiriye uwo mugambi w'udukingirizo. Yamubwiye ati: "" Maze kubona abantu benshi binjira ibohero bakaza ata mugera bafise, bagasangayo abandi bafise umugera kandi bakisanga bashobora gukorana imibonano mpuzabitsinda nabo. Benshi barakora imibonano mpuzabitsinda, ariko iciza ni uko benshi muri bo bakoresha utwo dukingirizo"". Eka no mw'ibohero ry'abagore utwo dukingirizo turiyo, aho abarenga igice c'abapfungwa 59 basanzwe bari muri ryo bagendana umugera wa SIDA. N'aho ata cigwa kiraba kugira hihwezwe ko uwo mugambi woba waragize akamaro, abawuhagarariye bamenyesha ko hari icahindutse mu mibereho y'abapfungwa, kandi ko batagitinya kuvugana ibijanye n'ukwikingira mu gihe c'imibonano mpuzabitsina. Hari icizere ko inyigisho baronswa ku bijanye n'amagara y'abantu bishobora kubafasha mu kubandanya bitaho amagara yabo, n'inyuma y'ukurekurwa. Umushikiranganji w'ubutungane, Mokhele Moletsane, avuga ko yishimiye uwo mugambi. ""Biradutera intege kuko abapfungwa bariko bahindura inyifato. Iyo tubona udukingirizo tugenda duhera, bivuga ko turiko turakoreshwa"". ""Nta cigwa turakora kugira turabe nimba koko uwo mugambi waragize akamaro, ariko turazi ko uwukoresheje agakingirizo aba yikingiye ku bice 94 kw'ijana"". Mu mwaka wa 2012, Lesotho yarakuye amategeko yahana abahuza ibitsina babisangiye, ariko abanyagihugu baracinuba cane rwose abantu nk'abo mu gihugu. Avuga ku banegura uwo mugambi, umushikiranganji Moletsane avuga ko intumbero nyamukuru y'uwo mugambi ari ugukingira amagara y'abapfungwa. ""Si uguhimiriza abahuza ibitsina babisangiye canke guhamagarira abapfungwa gukora imibonano mpuzabitsina - ikiriho ni uko imibonano mpuzabitsina ikorwa kandi dutegerezwa gukora uko dushoboye mu gukwiragiza udukingirizo kugira abantu ntibabandanye bandura"". Ibiharuro vy'ikigo kijejwe kurwanya umugera wa SIDA, UNAIDS, vyerekana ko Afrika ariyo ifise ibitigiri binini vy'abagendana uwo mugera, kandi ko abapfungwa bari mu bageramiwe. Igihugu ca Lesotho kiri mu bihugu bifise ibiharuro binini vy'abagendana umugera wa SIDA kw'isi, aho hafi ica kane c'abanyagihugu baco bangana imiliyoni zibiri n'ibihumbi 300 bawugendana. Haciye imyaka itatu uwo mugambi utanguye kandi waramaze gukwiragizwa mu mabohero yose yo muri ico gihugu. Mu gihe biteye kubiri n'amategeko gutanga udukingirizo ku bapfungwa, abajejwe kudukwiragiza badushira ahantu abapfungwa bashobora kudushikira vyoroshe, nko hafi y'utuzu twa surwumwe." https://www.bbc.com/gahuza/48673671 +health Coronavirus: Ibitigiri bishasha vyerekana ko n’abaganga bandukirwa gusumba mu Bushinwa "Mu gihe ibitigiri vy'abandura wa mugera wa Coronavirus, abategetsi b'Ubushinwa bamenyesha ko n'abaganga bageramiwe, hakavugwa n'ubukene bw'ibikoresho vyo kwikingira. Abavuzi batandatu baramaze kuhasiga ubuzima, nayo abashika 1716 bamaze kwandukirwa kuva uwo mugera wadutse, nk'uko abo bategetsi babimenyesha. Gushika ubu, abantu barenga 1300 baramaze guhitanwa n'uwo mugera. Urupfu rwa muganga Li Wenliang, yari yagerageje kugabisha abategetsi uwo mugera ugitangura kwibonekeza, rwatumye abanyagihugu bashangashirwa. Zeng Yixin icegera c'umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Ubushinwa, avuga ko abaganga 1102 banduye mu karere ka Wuhan, ahatanguriye ico kiza, abandi 400 nabo bakaba ari abo mu bindi bice vy'igihugu. Avuga ko igitigiri c'abaganga bagenda bandura uwo mugera kigenda congerekana. Asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, Bwana Zeng avuga ati: ""Abaganga bafise akazi katoroshe na gato; bakorera mu buryo butoroshe kandi ntibanaruhuka; bamana umutima uhagaze, kandi kwandukirwa ni ibintu vyoroshe kuri bo"". Abategetsi bo muri ako karere babandanya bita ku rutare kugira barabe ko bobaronsa ibikoresho vyo kwikingira nka twa dutambara two kwambara mu maso, ya marori yo kwikingira hamwe n'impuzu Bambara mu kwikingira. Umuganga umwe yabwiye Reuters ko we na bagenzi we 16 bafise ibimenyetso vyerekana ko bashobora kuba baranduye. Uwundi nawe avuga ko we na bagenziwe barenga ijana ku bitaro akorerako bashizwe ukwa bonyene. Yabwiye televiziyo CNN ya Amerika ko abandi 30 kuri 500 bahakora bamaze kwandura. Ibiharuro vya nyuma vyerekana ko abantu bashasha 122 bapfuye mu Bushinwa, ivyatumye ico gitigiri gishika kuri 1381. Muri ico gihugu nyene, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bumenyesha ko abantu banduye uwo mugera bababa 64.000. Hagati aho, ibitigiri vy'abandura uwo mugera hanze y'Ubushinwa biracari hasi, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe OMS. Uwo mugera umaze gukwiragira mu bihugu bishika 24 kw'isi, aho abashika 500 bamaze kuwandura hanze y'Ubushinwa. Muri Philippines, umuntu umwe aramaze guhitanwa n'ico kiza. Umukuru w'ishami rya ONU ryitaho amagara kw'isi OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, afise ubwoba ko mu gihe woshika mu bihugu bitifashe mu birava ubuvuzi wokora ibara." https://www.bbc.com/gahuza/51503240 +health Covid: Wa murwi wa WHO wo gutohoza inkomoko ya coronavirus washitse muri China "Wa murwi w'abahinga b'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, wahavuye ushika mu gisagara ca Wuhan co mu Bushinwa kugira utangure amatohoza ku nkomoko y'ikiza ca Covid-19. Uyu murwi wari urindiriwe kuva igihe kirekire ushitse muri ico gihugu inyuma y'amezi atari make OMS n'Ubushinwa bari mubiganiro. Umurwi w'abahinga cumi witeze kugiriranira ibiganiro n'ibigo bijejwe ubushakashatsi, ibitaro hamwe n'isoko ridandaza ibiva mu mazi rizwi ko ari ryo nkomoko y'iki kiza. Ikiza karanda ca Covid-19 catowe ubwa mbere mu gisagara ca Wuhan mu mpera z'umwaka wa 2019. Uyu murwi washitse muri ico gihugu mu gatondo ko kuri uyu wa kane, bikaba bihuriranye n'ibitigiri bishasha vy'abandura vyasubiye kwibonekeza mu buraruko bw'Ubushinwa, mu gihe Wuhan isa n'iyasubiye mu buzima busanzwe. Bazotegerezwa kumara indwi zibiri bitaramuye imbere y'uko batangura amahotoza yabo, azoshimikira ahanini ku vyo bazoba bahanwe n'abategetsi y'Ubushinwa. Iri tohoza rigamije kwiga ingene ibikoko vyatete iki kiza, rigiye gutangura inyuma y'inzitizi zari zabanje kwibonekeza. Mu ntango z'uku kwezi, OMS yavuze ko uyu murwi ujejwe amatohoza wari wankiwe kwinjira mu Bushinwa inyuma y'aho umwe mu bawugize asubijwe inyuma, uwundi nawe akankirwa kubandanya urugendo. Ubushinwa buvuga ko hari habaye ukutumvikana mu gihe ibiganiro vyari bikibandanya kugira uyo murwi ushobore kwemererwa kwinjira. Ubushinwa bwaramaze amezi atari make buvuga ko iki kiza karanda kitakomotse muri ako karere. Umwigisha wa kaminuza, Dale Fisher arongoye igisata kijejwe guhangana n'indwara z'ivyaduka muri OMS, yabwiye BBC ko yizeye neza y'uko isi izofata ko uru rugendo ari urugendo rukozwe n'abahinga ata mvo za politike zirimwo. Ati: ""Nta politike irimwo canke kurondera gutanako umwikomo, ariko ni igikorwa c'abahinga co kurondera koko inkomoko y'iki kibazo"". Prof Fisher yongera ko y'uko abahinga hafi bose bemera ko uwu mugera ufise inkomoko kama. Ku wa kane, Ubushinwa bwatangaje umuntu wa mbere yishwe na Covid-19 mu mezi umunani yose. Iki gihugu cashoboye guhagarika uwu mugera ku rugero runini kibicishije mw'isekeza ryo gupima abantu benshi, ingingo ruhasha za guma mu rugo hamwe n'izo guhagarika ingendo. Ariko muri zino ndwi za nyuma haribonekeje abantu bashasha banduye, cane cane mu ntara yo mu buraruko ya Hebei ikikije umugwa mukuru Pékin/Beijing hamwe n'intara ya Heilongjiang mu buraruko bushira ubuseruko." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55657604 +health Bazamuganga: Menya igishobora gutuma ugutwi kwawe kutumva Umva insiguro za Muganga ku bishobora gutuma ugutwi kwawe guhura n'ingorane zo kutumva https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60711205 +health Japan yabaye irahagarika doze imiriyoni 1.6 za Moderna ku bwoba bw'uko zoba zirimwo imicafu "Ubuyapani bwahagaritse ikoreshwa rya doze hafi imiriyoni 1.63 z'urucanco rwa Moderna ku bwoba bw'uko zishobora kuba zirimwo imicafu. Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buvuga ko mu ducupa hafi 560.000 batoye uko nyene basanzemwo harimwo ""ibinti bidatomoye"". Ikigo Takeda Pharmaceutical kigurisha kikanatanga uru rucanco mu Buyapani, kivuga ko Moderna yaciye iba irahagarika imizigo itatu mu kwicungera. Kivuga ko vyoba vyavuye ku kagorane ku kigo co muri Espagne gisanzwe gihingura uru rucanco, ariko ntigitanga insiguro. Moderna ivuga iti: ""Gushika ubu, nta kibazo c'umutekano canke kijanye n'ubushobozi bwayo cari bwigere cibonekeza"". Ivuga ko igiye gukorana n'abagenzuzi hamwe n'ikigo Takeda kugira hakorwe amatohoza ku vyabaye. Nta nsiguro zatanzwe kuri ibi ""bintu bidatomoye"" basanzemwo, ariko Takeda ivuga ko ari akantu gatoya, ivuga ko yaciye yihutira gukorera amatohoza. Amakuru y'uko izi doze zirimwo imicafu yatanzwe kandi n'ibindi bigo indwi vyo gucandaga, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Japan Times, aho basanze uducupa 39 twabonetse ko turimwo iyi micafu. Japan Times yongerako y'uko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwasohoye amanomero y'iyi mizigo kugira ngo abantu bari baronse urucanco imbere y'uko ruhagarikwa bashobore kuraba nimba batoba bahawe urucanco rwanduye. Ubuyapani buhanganye n'ibitigiri vy'abandura Covid bigenda biduga, intara zindi umunani zikaba zashizwe ku mategeko adasanzwe kuva ejo ku wa gatatu. Umugwa mukuru Tokyo muri kino gihe uriko uberamwo za nkino za Paralympic zihuza abanonotsi bagendana ubumuga. Iki gihugu caramaze kwemeza ikoreshwa ry'incanco za Pfizer na AstraZeneca - cari catanguye gukoresha Moderna mu kwa gatanu. Ibice 40% birenga gato vy'Abayapani nibo bamaze gucandagwa, nayo ibice hafi 50% bakaba bamaze kuronswa doze imwe." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58339162 +health Umugore wo muri Nouvelle-Zélande yapfuye inyuma y'uko atewe urucanco rwa Pfizer "Igihugu ca Nouvelle-Zélande/ New Zealand catangaje umuntu wa mbere cemeza ko yapfuye biturutse ku rucanco rwa Covid-19 yatewe. Umurwi wigenga w'abahinga bakurikiranira hagufi ibijanye n'umutekano w'incanco uvuga ko urupfu rw'uyu mugore ""rushobora"" kuba rwavuye ku ndwara ya myocardite/myocarditis, indwara y'ubushe bw'umutsi w'umutima. Uvuga kandi ko hari ibindi bibazo vy'amagara bishobora kuba ""vyatumye uru rucanco rugira ingaruka mbi"". Abagenduzi ba Bulaya bavuga ko myocardite/myocarditis ari ingaruka ""zidakunze kwibonekeza"" kandi ko inyungu z'uru rucanco zirengeye cane ingaruka mbi zishobora kubaho. Hagati aho, impamvu nyamukuru y'uru rupfu ntiramenyekana. Ariko, umurwi ukurikiranira hagufi ibijanye n'incanco za Covid ( Covid-19 Vaccine Independent Safety Monitoring Board) uvuga ko myocardite/myocarditis ""ishobora kuba yatewe n'uru rucanco"". Mw'itangazo wasohoye, uyu murwi uvuga ko ari rwo rupfu rwa mbere muri Nouvelle-Zélande rufitaniye isano n'urucanco Pfizer rwa Covid-19. Iri tangazo ribandanya riti: ""N'aho ikigo kijejwe gukurikiranira hagufi ingaruka mbi z'incanco (Centre for Adverse Reactions Monitoring) umaze kuronka ayandi makuru y'umuntu yapfuye haciye imisi acandazwe, nta na hamwe izi mpfu zifitaniye isano n'urucanco"". Urupfu rw'uyu mugore ruriko rurakorwako amatohoza yimbitse, uwujejwe kuyakora akaba yiteze gutanga icegeranyo. Abategetsi nta yandi makuru baratanga, harimwo n'imyaka y'uyu mugore. Ikigo kijejwe imiti ca Bulaya (European Medicines Agency, EMA) kivuga ko ingaruka za myocardite/myocarditis ziturutse ku ncanco za Covid za Pfizer na Moderna, ""zidakunze kwibonekeza"", kikongerako y'uko zikunze kwibonekeza cane cane ku bagabo bakiri bato. Nk'akarorero, Ubwongereza buvuga ko bwaronse abantu 195 bahuye n'ico kibazo ca myocardite/myocarditis mu bantu batewe urucanco rwa Pfizer, iki giharuro kikaba kiri ku rugero rwa 5/1.000.000. Ikigo EMA gitera akamo abanyagihugu ko bobandanya bicandagisha, kuko bituma abantu badasinzikazwa na Covid-19. Mu bimenyetso vya myocardite/myocarditis harimwo ububabare mu gikiriza, ukubura impemu n'umutima utera ku rugero rudasanzwe. Abahinga basaba umuntu uwo ari we wese afise ibi bimenyetso mu misi ikurikira urucanco kwihutira kwa muganga kugira ngo abaganga bamukurikirane. Kuri uno wa mbere, abategetsi ba Nouvelle-Zélande, batangaje ko ata ""makenga bafitiye urucanco rwa Pfizer muri Nouvelle-Zélande""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58384473 +health Covid-19: OMS/WHO isaba Tanzania gutanga ibitigiri vy'abandura coronavirus "Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO, ryongeye gusaba reta ya Tanzania gusubira gutangaza abanduye ca kiza karanda ca Covid-19, rikavuga ko bishobora gufasha gukingira Abatanzania n'incuti zabo. Umukuru w'iri shirahamwe Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko amaze kuvugana n'abategetsi ba Tanzania ku bijanye n'ingene bofata ingingo zo kuzibira ikwirakwira ry'ikiza ca Covid-19, ariko ko gushika ubu OMS ata na kimwe iramenyeshwa ku ngingo reta iriko irafata mu kurwanya iki kiza. Ati: ""Nasavye ko boza barerekana ibi bitigiri inyuma y'aho bibonekeye ko hari ingenzi zanguye"". Sibwo bwa mbere OMS itanga iki cipfuzo kuva aho reta ya Tanzania ihagarikiye kumenyesha ingene iki kiza cifashe mu gihugu n'abo kimaze guhitana. Mw'itangazo ryo guhoza iki gihugu ku rupfu rw'umutegetsi aherutse kwitaba Imana, umukuru wa OMS avuga ko atewe impungenge n'ingene iki kiza cifashe muri ico gihugu. Ati: Nsaba Tanzania gushira mu ngiro ingingo zijanye n'ukubungabunga amagara y'abantu tuzi twese ko zifasha guhagarika ikwirakwira, kandi ikitegurira incanco"". Avuga ko hari Abatanzaniya batari bake baherutse kuja mu bihugu bibanyi no mu zindi mpande z'isi bapimwe bagasanga baranduye Covid-19. Ati: ""Ibi vyerekana ko ari ngombwa ko Tanzania ifata ingingo ruhasha kugira ngo ikingire abanyagihugu bayo n'abo muri ibi bihugu n'ahandi"". Iri tangazo risohowe mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Tanzania Kasim Majaaliwa aherutse gusaba abanyagihugu gukurikiza ingingo zo guhagarika ikwirakwira ry'uwu mugera mu gukurikiza ingingo ngenderwako zashizweho n'igisata kijejwe amagara y'abantu harimwo kwambara udupfukamunwa. Umushikiranganji Majaaliwa yavuze aya majambo ku musi bashingura umunyamabanga wa reta John Kijazi yasandavye ku wa gatatu ahitanywe n'indwara itatangajwe. Uno musi niwo musi wa nyuma w'ikiringo co gusenga casabwe na Perezida John Magufuli, aho yasaba abarongoye amadini gusenga kugira ngo Imana ikingire igihugu umugera wa coronavirus. Mu mwaka uheze, yarateye akamo nk'aka ko gusenga mu kiringo c'imisi itatu, mu nyuma atangaza ko ico gihugu cashoboye kwiganzura ikiza karanda ca Covid 19." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56144747 +health OMS ivuga ko amahirwe yo kurwanya Coronavirus agenda agabanuka "Umukuru wa OMS, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, avuga ko afise amakenga ku kungene wa mugera ruhonyabantu coronavirus ugenda ukwiragira mu buryo budatomoretse. Umukuru wa OMS, Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko amahirwe yo kurwanya uwo mugera agenda ""agabanuka"". Uno munsi ku wa gatandatu, abategetsi b'Ubushinwa batangaza ko ibitigiri vy'abahitanwa n'uwo mugera canke abawandura vyagabanutse. Hagati aho, ibitigiri vy'abawandura biriko biriyongera muri Koreya y'Ubumanuko, Mu Butaliyano, muri Irani eko no mu bindi bihugu. Muganga Tedros avuga ko igitigiri c'abanduye hanze y'Ubushinwa gisa n'uko ari gito, ariko y'uko ingene igenda ikwiragira biteye amakenga. Ati: ""Turatewe amakenga n'ibitigiri bigenda vyiyongera, mu gihe biboneka ko bidatumwa n'uko abanduye baba baheruka mu burere bugeramiwe, canke ko boba barakoranyeko n'abamaze kwandura"". Avuga kandi ko ibitigiri vy'abapfa n'abandura mu gihugu ca Irani ""biteye amakenga menshi"". Abarenga 1200 nibo bamaze kumenyekana ko banduye coronavirus mu bihugu 26 havuyemwo Ubushinwa, nayo umunani bakaba ari bo bamaze gupfa nk'uko bivugwa na OMS. Muri abo bamaze gupfa hanze y'Ubushinwa harimwo babiri bo muri Koreya y'Ubumanuko, izwi ko ari co gihugu gifise igitigiri kinini c'abamaze kwandura uwo mugera hampande y'Ubushinwa. Kuri uno wa gatandatu, Koreya y'Ubumanuko yamenyesheje ko hari abandi 142 bashasha banduye coronavirus, bikaba vyatumye igitigiri c'abanduye uwo mugera muri ico gihugu gishika 346. Umushikiranganji wa mbere, Chung Sye-kyun, avuga ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe. Mu Butaliyano, ejo ku wa gatanu, abaganga muri ico gihugu bamenyesheje ko umutama w'imyaka 78 ariwe muntu wa mbere yishwe na coronavirus, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru Ansa ryo muri ico gihugu. Imbere y'aho, Ubutaliyano bwari bwatangaje ko hari abandi bantu 16 bari banduye uwo mugera, bituma ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu butangaza ko amashure n'ibiro vya leta vyugarwa maze ibikorwa bijanye n'inkino bigahagarikwa, mu turere tugeramiwe. Gushika ubu, Ubushinwa bumenyesha ko abantu 76.288 mu gihugu cose aribo banduye coronavirus, nayo 2345 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima. Muri Irani, uwo mugera ubarizwa cane cane mu gisagara ceranda ca Qom kiri mu bumanuko bw'umugwa mukuru Tehran, kikaba gisanzwe kigenderwa cane n'aba isilamu b'aba Shia bo mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati. Ico gihugu catangaje ko hari abantu babiri bapfuye ejo ku wa gatanu muri Qom, biyongera ku bandi babiri nyene bari bapfuye ku wa kane. Abantu 18 nibo bamaze kumenyekana ko bamaze kwandura uwo mugera muri ico gihugu. Eka n'igihugu ca Libani naco nyene kimenyesha ko hari umuntu wa mbere amaze kwandura uwo mugera, akaba ari umukenyezi w'imyaka 45 yagiye kumenyekana ko yawanduye ashitse ku mugwa mukuru Beirut avuye mu gisagara ca Qom muri Irani. Ibihugu vya Isirayeli , Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu (Emirats Arabes Unis) hamwe na Mirisi, navyo nyene bimenyesha ko ico kiza camaze gushikayo." https://www.bbc.com/gahuza/51595961 +health Uganda-Covid: Amashure n'iyindi mirimo vyongeye guhagarara Umukuru w'igihugu ca Uganda yafashe ingingo yo kwugara amashuri ahagarika n'amakoraniro y'abantu benshi mu gihe igihugu gihanganye n'umusumiyanyo wa kabiri w'ikwirakwira ry'indwara ya Covid - 19. Imodoka zunguruza abantu hagati y'ama district ntizizokora kuva ku wa kane, iyo minsi yo gushika ku wa kane ikaba ariyo kugira abanyeshure bari mu buraro batahe. Ubunywero, cinema hamwe n'aho barabira ivyese navyo vyugawe. Amashure n'amakoraniro vyo vyahagaze kuva kuri uyu wa mbere kandi iyo ngingo ikazobandanya mu kiringo c'imisi 42. Amashure atari make yari amaze iminsi ashikiriza ibitgiiri vy'abandura umugera wa corona mu banyeshure n'abakozi, kimwe mu vyatumye hafatwa iyo ngingo yo kwugara amashure. Iyo ngingo yatangajwe haheze amasaha make umushikiranganji ajejwe amagara atangaje abantu bashasha 1.259 banduye umugera, igitigiri ca mbere kinini c'abanduye ku munsi umwe - hamwe na 9 bapfuye ku wa mungu. Ukwiyongera kw'abandura umugera wa corona kwatanguye kuvugwa harehezwe indwi zibiri, abategetsi bakaba bari bamaze iminsi biyunvira guhagarika canke kugabanya uruja n'uruza kugira birinde ko amavuriro ahava arengerwa n'abarwaryi. Ibitaro bikuru vy'igihugu vya Mulago ku ndwi iheze vyatangaje ko abarwayi biyongeye cane, bivuga ko bikeneye kwongereza ibitanda vyo kubaryamikako. Uganda yugaye amashuri ubwa mbere mu kwezi kwa gatatu mu 2020 mu nyuma igenda irayugurura buke buke kuva mu kwezi kw'icumi. Ariko amashure matomato n'ayisumbiuye ntiyari b wugururwe. Umukuru w'igihugu mw'ijambo yashikirije igihugu ku wa mungu yavuze ko kuva ubu abigisha bose bategerezwa gucadarwa imbere y'uko basubira ku kazi. Bari bashizwe mu bohererwako igihe hatangura isekeza ryo gutanga incanco mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka. Muri ico kiringo nta bantu barenga 20 bemerewe kwitaba ubukwe canke amaziko . Uretse mu gisagara ca Kampala gusa, ahandi imiduga yunguruza abantu kuva ku wa kane ntizoba ikora kiretse iyitwara ibintu gusa. Gushika ubu Uganda haharugwa abantu hafi 52.929 vy'abamaze kwandura umugera wa corona na 374 bamaze gupfa. https://www.bbc.com/gahuza/57385719 +health "Coronavirus: ""Muri Afrika turakeneye urucanco rwo gukingira abageze mu zabukuru''" Mu gihe bimaze kuvugwa bikanasubirwawo ko hashobora kuba ''agahomeramunwa'' k'uko habura incanco zo gukinga coronavirus ku bihugu vy'amikoro make, umuganga w'indwara zo mu mutwe muri Zimbabwe, Dr Dixon Chuibanda, aravuga ingene kuronka urwo rukingo vyomufasha, we n'abanyokuru bakorana. Haheze amayinga atanu nanduye Covid-19, n'ubwo atako ntakora kugira ndayirinde: kwambara agafukamunwa,gukaraba no kutegera cane abandi. Sinahengeshanya kuguma nibaza ingene ataco nshoboye bifatanye n'ukudashobora guhema ndiko ndaraba ingene urugero rwa oxygene mu mubiri wanje ruguma ruhindagurika, n'ubwo nanje ndi muganga. Nari nzi kandi ko amahirwe yo gushobora kuronka umwuka(oxygene) igihe nowukenera yasa nk'aho atayahari muri iki gihugu cacu kitagira uburyo. Ndembejwe n'uburuhe bw'ikirenga, no gucishamwo umwuka ukamperana, ku munsi ugira gatatu naciye mbona ko nshobora gupfa. N'ubwo uwariwe wese ashobora guhitanwa na Covid-19, urugero rwo gushora gupfa ni runini kuruta mu gihugu nka Zimbabwe aho igisata c'amagara y'abantu cifashe nabi cane. Muri ico gihe nari ndwaye, abaganga batanu twakoranye imyaka myinshi, barishwe n'iyo ndwara. Baritaweho kwa muganga ariko ntivyababujije gupfa. Impfu z'abantu nk'uko zirababaza cane. Ariko kandi ingaruka zo kubura abaganga batanu bafise uburambe mu kazi mu gihe c'indwi zine ku gihugu nka Zimbabwe n'agahombo kanini cane ku gihugu cose. Imana zose kuri jewe, ku munsi ugira gatanu, urugero rwo kwinjiza umwuka rwaciye rutangura kuduga. Ntawuzi igituma nahakuye agatwe kandi bagenzanje twasa n'abafise kahise k'amagara gasa bo barapfuye. Haracari vyinshio vyo kwiga kuri uwo mugera Uko nagenda ndatora mitende,niko naja ndiyumvira abantu bakora mu kigo maze imyaka 10 ndongoye. N'umugambi witaho abantu ku bibazo vy'inyifato(psychologique) urangurwa n'abanyokuru barenga 700 bavyigiye, mu turere turenga 100 muri Zimbabwe. Mu gihugu kitarenza abanganga b'indwara zo mu mutwe 13 ku bantu bangana na miriyoni 16,uwo mugambi warafashije guteza imbere amagara yo mu mutwe. Vyafashe imyaka kugira twubake umugambi wa Friensship Bench kugira twerekana ko hakoreshejwe ubuvuzi bw'ijambo, abanyokuru bavyize bashobora kuvura akabonge n'umwitwarariko urengeje no gutezura ivyiyumviro vyo kwiyahura muri Zimbabwe n'ahandi. 'Abanyoku bari mu bageramirwa cane' Mu mwaka uheze abo banyokuru nibo bagiye imbere mu kurwanya iyongerekana ry'indwara zo mu mutwe zivuye ku kiza ca Covid-19. Ariko uko uwo mugera wakwiragira vuba mu gihugu abo uhitana nabo bakaba benshi uko bukeye uko bwije, abo banyokuru n'abaganga ba bitumwako baciye baja mu bageramirwa ubwa mbere. Umunsi umwe nahamagaye umunyokuru Kusi Kwenyu amaze imyaka 10 akorera Friendship Bench uugira mdamubaze ingene abanyokuru bamerewe i Mbare, aho Friendship Bench yatanguriye. Kuva ndwaye nta n'umwe muri bo twari bwasubire kuvugana. ''Mumerewe gute, wewe n'abandi banyonkuru bose, bose barakomeye? Ubu ntimuva imuhira?'' Haciye umwanya utari muto kugira anyishure. ''Twarabuze umwe mu banyokuru.'' Haraciyemwo akandi kanya imbere y'uko yishsura ikibazo canje ca kabiri ku ngingo zo kwikingira yari yafashe. ''Kuguma ukwa wenyene i Mbare? Ntibishoboka. Kandi ubu abantu baradukeneye cane kuruta na mbere.'' Namubwiye nti: Ariko murashobora kubaha ubufasha mukoresheje telefone muri mu ngo zanyu, nk'uko twari twabibabwiye na mbere'' Ntiyarindiriye ko mpeza kuvuga. ''Uwundi munsi umusore afise se yishwe na Covid yarandondeye kugira tuvugane. Yari yataye umutwe kandi yari akeneye ko tubonana amaso mu yandi. ''Sinari kumubwira ngo taha turaja kuvugana kuri telefone-nta na telefone afise. Naramuvugishije kuko nabona ko ari mu mugwi w'abarwayi baba bageramiwe cane. Naragerageje uko nshobora kugira ntitwegerane cane igihe twariko turavugana.'' Aca yongerako ati: ''Turi mu bihe bibi.'' Ivyo yavuga vyari vyo-kuruta na mbere abantu benshi bari bakeneye ubufasha bwa Friendship Bench,kandi ubwo bufasha bwashikira abantu neza mu biganiro vy'imbona nkubone. Naciye ndamubaza n'agahinda:''Mwibaza ko hari icoshobora gukorwa kugira mukingirwe, wewe n'abandi banyokuru 700 bakorera Friendhip Bench?'' Aragorora ijwi aca avuga ati: ''Turakeneye urukingo.Urukingo rw'umwe umwe mu munyokuru.'' Amasaha yitereye uwo munsi, nasomye mu binyamakuru ko hafi miriyoni 40 z'incanco zatanzwe kw'isi, ariko Afrika ikagenerwa nke ncane. Kandi ko hafi miliyari 7.25 z'incanco zaguzwe zitaranakorwa n'ibihugu vya Bura Bukeye nakwirikiye kuri zoom igisabisho co gusezera uwundi dukorana yari yahitanywe na Covid-19. Umunsi uheze naciye nibaza nti mbega hazotegerezwa gupfa abakora kwa muganga n'abanyokuru bangahe imbere y'uko ngaha turonka urucanco. N'abakozi bangahe nkabo bazokwemera kubabara kugirango bafashe abandi bababaye? Mu nyuma nca ndonka ubundi butumwa kuri whatsapp ko uwundi muganga yapfuye ahitanywe n'ingaruka za Covid-19. Turakeneye urucanco muri Afrika. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55856030 +health Abahanganye na Ebola muri Kongo barenga 300 baramaze guterwa Leta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo ivuga ko kuva mu ntango z'uno mwaka abakozi bahanganye n'ikiza ca Ebola barenga amajana atatu bamaze kugabwako ibitero mu buseruko bw'igihugu. Icegeranyo c'ubushikiranganji bujejwe amagara kivuga ko batandatu bamaze kwicwa abandi mirongo indwi barakomereka. Ico cegeranyo congerako yuko ivyo bitero bibangamira utwigoro two kubuza uwo mugera ngo ntukwiragire. Mu mpera z'indwi yaraye iheze umunyamakuru wa radiyo okapi yariciwe iwe muhira. Yishwe nyuma gatoyi yo gushikiriza ikiganiro co guhimiriza abantu ku kwirinda Ebola kuri radio. Kuva ico kiza caduka mu kwezi kwa munani mu mwaka uheze, kiramaze guhitana abantu ibihumbi bibiri n'ijana na mirongo umunani. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50295067 +health Ibishobora gushikira umwana uvyaye urengeje imyaka 35 "Abagabo bafata umugambi wo kuvyara barengeje imyaka 35 bafise imana mbi ku rugero runini yo kuvyara abana bataragera canke bafise ubumuga bwa ""Autisme"". Uko umwaka utashe, imbuto z'umugabo ziragabanuka cane mu bwinshi no mu bwiza, bigashobora rero gutuma haba inzitizi mu kurondoka. Ni vyo ivyigwa vyinshi vyakozwe imyaka myinshi vyerekanye, harimwo icakozwe n'igisata c'amagara y'abantu muri kaminuza ya Stanford, muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, yihweje amatohoza yakozwe ku bana bakivuka imiliyoni 40. Muri rusangi, ugushobora gutwara imbanyi uteba birazwi cane mu banyagihugu kandi abagore barazi neza ingorane zikomeye zo gutwara imbanyi inyuma y'imyaka 35 canke 40. Ku ruhande rw'abagabo (aho bitazwi cane), inkuru nziza n'uko hari ivyo basabwa gukora, ibipimo hamwe n'imiti bifasha gukurikiranira hagufi buri muntu no kugabanya ibishobora gushikira umwana, nk'uko biri aha hepfo. Dr Karla Giusti Zacharias, umuhinga muvyo irondoka ry'abantu akama ari n'umwe mu bagize umugwi w'abavuzi ba Rede D'OR - Ibitaro vya São Luiz Itaim i São Paulo, asigura ko yama yakiriye mu biro iwe abagabo bakuze cane bipfuza kuronka abana. Agira ati:""Ndabona abaza kunyitura bafise imyaka mirongo itanu canke mirongo itandatu bafise abagore bagira kabiri bari kumwe n'abagore bakiri bato ku basumba bashaka gutwara imbanyi."" Ikibazo babaza abahinga muvyo amagara y'abantu n'iki: N'izihe ngaruka zo kuvyara ukuze uri umugabo? Muri rusangi, igihimba c'irondoka c'umugabo gikora mu buryo butandukanye cane n'ico umugore. Mu gihe umugore afise igitigiri ntarengwa c'imbuto, ku bagabo imbuto z'umugabo zitangura kuboneka mu bugimbi (puberté) zibandanya kuboneka ubuzima bwiwe bwose. Aho reri n'iho haca haza ikintu gikomeye: N'aho imbuto z'umugabo zibandanya ziboneka nk'uko bisanzwe, uburyo zibonekamwo ntibuba bukimeze co kimwe inyuma y'imyaka runaka. Uko imyaka igenda, n'ibisanzwe ko uduce tugize umubiri tugenda turahingurwa ku rugero ruto kandi dufise n'utunenge. Utwo tunenge na two rero dushobora kubuza gusama. Ubushakashatsi bumwe bumwe bwerekana ko no mugihe bikunze ukibaruka, umwana ashobora kugira ingorane z'amagara z'urutavanako, uhereye ku ngorane zo guhema akivuka gushika ku bumuga bwa ""Autisme"". Ubushakashatsi bwakozwe mu 2018 n'igisata c'ubuvuzi muri kaminuza ya Stanford bwerekanye ko muri rusangi, uko umugabo asaza, ni ko n'amahigwe mabi ku mwana aba menshi. Abagabo bavyara abana inyuma y'imyaka 35 , ku rugero runini bishoboka ko abana babo bagira ibiro bike bakivuka, kurabirana canke agakenera ubuhinga bwo guhema amaze kuvuka. Abantu bafise imyaka irenga 45 bafise gushika ku bice 14% ivyago vyo kuvyara umwana atageze, hanyuma abarengeje imyaka 50 na bo bafise gushika ku bice 28% ivyago birengeje vy'uko abana bavyaye bashobora kumara igihe kirekire babundikiriwe. Igihe ubwo bushakashatsi bwashirwa ahabona, Michael Eisenberg, umwigisha muvyo inzira z'umukoyo (Urologie) akaba ari na we yari arongoye abagize ubwo bushakashatsi, yavuze ko ibivyo biharuro bidakwiye gufatwa nk'ibintu vyo kurenza urugero. Ku bwiwe, ibi bifasha imiryango kwitegura no gukurikiranwa bikwiye. Agira ati:""Dusa no kwitaho kuraba ibintu vyerekeye abagore gusa iyo turiko turaraba ivyago bijanye no kuvyara. Ariko icigwa cacu cerekana ko kuronka umwana akomeye ari akazi k'abantu babiri, kandi ko imyaka y'umugabo ifisemwo uruhara na yo nyene. "" Ikinyamakuru cegeranya ibikorwa vyinshi vy'ubushakashatsi bwakozwe ku kintu kimwe mu myaka iheze casohotse mu 2017 caradomye urutoke iyindi ngorane yo kuvyara uteba uri umugabo: ivyago zikomeye zo kuvyara umwana afise ubumuga bwa ""Autisme"". Mu gusozera, ico cirwa kivuga gishimitse ko, kuri buri imyaka 10 yiyongera ku mugabo, hari ivyago ku bice 21% ko umwana agira iyo ngorane ifatanye n'ingorane yo kuvuga, kubana n'abandi n'inyifato. Ubushakashatsi ntiburamenya gushika ubu igituma ibi biba. Ariko n'aho haba habaye igabanuka ry'ubwiza n'ubwinshi bw'imbuto z'umugabo uko imyaka igenda, bigaragara ko imbuto inyaruka zishobora gutuma haba ugusama, ivyo bikaba bibaganura ivyago vy'ingwara ku mwana, nk'uko bisigurwa na Alfredo Canalini, arongoye ishirahamwe ry'abigisha ivyerekeye ahaca umukoyo muri Brezil. Canalini avuga ko ata buhinga buhari bwo gusimba imitego ishoboka ijanye no kuvyara uteba. Agira ati:""Ibijanye n'ubuhinga bwo kurondoka ku mugabo bijanye n'umwe umwe ari na co gitumwe umugabo wese akeneye kwisuzumisha kugira atahure uko biriko biramugendera n'ico ashobora gukora."" Uko kwivuza gusaba kuja ku muganga asanzwe canke ku muhinga araba ivyo inzira y'umukoyo. Ivyo bishobora gukorwa buri gihe, buri mwaka, igihe hari ugushaka umwana canke mu gihe hari ibimenyetso bimwe bimwe bigaragaye, nko kuribwaribwa cane, kutipfuza gukora amabanga y'abubatse, ingorane yo kubarukwa canke kumara umwanya muremure ubarutswe (Erection), hamwe rero no kugerageza kenshi atakivamwo gutwara imbanyi. Uwo muganga avuga kandi ati:"" eh..ni vyo hari ivyo ushobora gusabwa gukora bisanzwe bifasha ku magara y'umubiri wose, nko gufungura neza, kutaguma mu kibanza kimwe, gukora imyimenyerezo ngororamubiri kenhsi, kutanywa itabi, no kugira ibiro bike..."" Zacharias aratwibutsa ko uguhindura uburyo bwo kubaho ata co bishitseko, bishoboka gutangura kwipimisha no gufata imiti bijanye. Agira ati:""Mu gihe imbuto z'umugabo zitameze neza, turashobora kubabwira uko umuntu avyifatamwo kugira zibe nziza kandi nyinshi."" Uwo muhinga aravuga kintu ca nyuma kigeramiye abagabo bashaje: Ikibazo kijanye n'akazi ko kurera umwana. Agira ati:""Ntitwokwiyibagiza ko abagabo benshi bakuze cane bageze ku rugero rwo kuba barakoze cane ko rero baba barushe. ""Ivyo ni ngombwa kubishira ku munzani hanyuma ukiyumvira agaciro ko gukurikirana indero y'umwana, kuvyuka mu gitondo kumuhindurira impuzu yiyononye, gukina... Aheraheza agira ati:""Abubakanye botegerejwe kubivugana kugira misi yose bafate ingingo ibereye ibaraba no ku muryango wabo.""" https://www.bbc.com/gahuza/articles/cv282d32vd9o +health Mu kugwanya ubugumba, intanga z'abagabo bapfuye zikwiye kwemerwa gutangwa "Ingabire y'intanga zivuye mu bagabo bitavye imana, ikwiye kwemerwa, nk'uko biri mu cigwa cakozwe. Ubwo bushakashatsi bwasohorewe mu kinyamakuru ''Journal of Medical Ethics'' burasaba ko haboneka inzira zo kugwiza ibihimba vy'umubiri vy'abapfuye nk'ingabire bikozwe mu buntu. Mu 2017 mu Bwongereza, utuyoya 2,345 twaravutse bivuye kw'itangwa ry'intanga nk'ingabire. Ariko hari ubukene bw'ingabire z'ibihimba vy'umubiri hirya no hino mu gihugu kubera amategeko akaze agenga iki kibazo. Intanga zishobora gutororokanywa inyuma y'urupfu rw'umugabo biciye ku gushusha umuhora zicamwo uzikabuje umuyagankuba canke ukabaga nyenezo, hanyuma ukazibika ahantu hakanye cane. Hari ivyemezo vyerekana ko intanga zibitse mu bagabo bitavye Imana zishobora gutuma umugore yibungenga kenshi kandi akagira abana bafise amagara meza, naho zoba zakuweyo inyuma y'amasaha 48 amaze gupfa. Muri ubwo bushakashatsi, umuganga Nathan Hodson wo muri Kaminuza ya Leicester, na Joshua Parker wo ku bitaro vya Wythenshawe i Manchester, bemeza ko ubu buhinga buja mu rukurikirane rw'itangwa ry'ibihimba vy'umubiri nk'ingabire. Bavuga bati: ''Nimba vyemewe ko abantu bashobora gutanga uduce duto duto tugize umubiri mu cubahiro, kugira bakure mu mubabaro abandi mu kubongera iminsi yo kubaho batewe ibindi bihimba vy'umubiri mu kubavura ingwara ka naka, tubona ko ata mvo n'imwe yotuma gutanga intanga bitoshirwa mu kugabanya umubabaro nk'uwubugumba. ''Ariko bishobora kwongereza ibibazo bijanye n'ukuntu nyene izo ntanga aba yaravyemeye, uruhara rw'umuryango ruba ntarengwa, hamwe n'imyitwarariko ijanye n'ukutamenyekana kw'umuntu aba yatanze intanga''. Mu 2014 ububiko bw'intanga ku rwego rw'igihugu mu gihugu c'u Bwongereza ruri i Birmingham bwakoresheje amafranga ya leta amapound ibihumbi 77. Inyuma y'imyaka 2 gusa, ubwo bubiko bwarugawe bwongera butangura kurondera abatanga intanga. Abantu 9 gusa baremeye gusubira kuzitanga ariko umuntu umwe mu nyuma yarasokoye. Kuva mu 2005, amategeko avuga ko abantu batanze intanga zabo nk'ingabire mu Bwongereza bategerezwa kwemera ko abana bavutse biciye kuri izo nkanga, bashobora kubonana n'uwazitanze bamaze gushikana imyaka 18. 'Challenging stigma' Kutabonwa neza Jeffrey Ingold yigeze gutanga intanga aba i Londres, yabwiye BBC ko yizeye ko habaye kwemera gutanga intanga inyuma y'ugupfa, vyoshobora guhimiriza abagabo benshi mu kuja mu gitigiri c'abazitanga. Avuga ati: ''Sinibaza ukuntu ishigwaho ry'uburyo bushasha bwo gutanga intanga nk'ingabire co kimwe n'itangwa ry'ibindi bihimba vyofatwa ukundi kuntu, atari uko ari vyiza gusa. ""Ku bwanje mu gutanga intanga sinigeze mbona ko hari aho bihuriye n'uduce ntanga kamere twanje, canke ibindi bisa n'ivyo, ariko nariko mfasha abagenzi bafise ico bakeneye. ''Nibaza ko kugira intumbero nk'iyo bishobora gutuma uyu mugambi ufata inzira zimwe zirimwo utubazo two kutabibona neza, canke ivyiyumviro ataho bivuye vyo mu kibano bijanye n'itangwa ry'intanga''. Yongeye avuga ati: ''Nimba abantu bari bazi ibijanye n'uyu mugambi, bashobora kuvuga neza ingingo zafashwe, kugira abagabo bamenye ko boja mu batanga intanga canke abatazitanga. Nibaza ko twari gusanga hari benshi bafashe intumbero yo kuzitanga''. Naho biri uko, Prof Allan Pacey, umwigisha mu bijanye n'ingwara ziboneka ku bagabo muri Kaminuza ya Sheffield yemeza ko hakwiye kuba intambwe yo gusubira inyuma mw'itangwa ry'intanga. Avuga ati: ''Jewe nibaza ahubwo ko twoshira inguvu zacu mu kugerageza kurondera urwaruka rukiri ruto, rufise amagara meza, kandi rukeneye kuzitanga, runafise amahirwe yo kuzoba rukiriho, kugira uwuzoba yatanze intanga atanguye kurondera kumenya ivyazo, azoronke akaryo ko kubonana n'abavutse atwundi afashije''. Mu 1997, umukenyezi yaratsindiye ububasha bwo gukoresha intanga z'umugabo wiwe yari yitavye Imana. Stephen Blood yanduye ingwara ya mugiga mu kwezi kwa kabiri mu 1995, haheze amezi 2 gusa ashinze urugo rushasha n'umukenyezi wiwe Diane. Yatakaje ubwenge bamaze kumukuramwo intanga ariko atarandikira umukenyezi wiwe ko bozikoresha, mu nyuma ahava yitaba Imana. Bwana Blood yibarutse umuhungu Joel - hakoreshejwe intanga zari zabitswe ahantu hakanye cane - mu 2002, mu mwaka ukurikira uyo mukenyezi yatsindiye urubanza rw'uko yibarutse umwana n'umugabo bubatse biciye mu mategeko." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51209486 +health Loise arasama, ariko inda ntikura Ubumuga bw'irondoka nk'ubwa Loise, burapfupfahazwa, iyo uwubugaragaza yiyugururiye abaganga. Iyi ni intahe yiwe. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56376519 +health China: Abantu 80 bakora incanco za Corona za magendu bahagaritswe "Ubushinwa buvuga ko buriko burarondera abagizi ba nabi bakora ""incanco za magendu"" za Covid-19, bakora ubwo bugizi bwa nabi kuva mu kwezi kw'icenda, nk'uko bivugwa na CNN. Igipolisi ca Jiangsu, Beijing na Shandong cafashe abantu barenga 80 bafise uruhara mu gukora incanco zirenga 3.000 za magendu za Covid-19, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu, Xinhua. Xinhua ivuga ko ubushikiranganji bw'umutekano mu Bushinwa buvuga ko buriko buragira amatohoza kuri izo ncanco za magendu hamwe n'iyindi miti yo mu gisata co gukinga ingwara. Igipolisi cemeza ko kuva mu kwezi kw'icenda mu 2020, abo bakora izo ncanco za magendu baronse amahera menshi cane, aho bashira umunyu mu rushinge bagaca bazigurisha ku mahera menshi, nk'uko bibandanya bivugwa na Xinhua. Ubushinwa buriko buracandaga abanyagihugu bukoresheje incanco ziva mu bigo bibiri, Sinovac na Sinopharm, incanco z'ico gihugu kandi zaratanguye gutangwa mu bindi bihugu, harimwo n'igihugu ca Turkia." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55902948 +health Gusama inda ata gihe kinini giheze iyindi ikorotse nta ngaruka -icigwa "Na Michelle Roberts Umunyamakuru mu gisata c'amagara Bihushanye n’inama zari zihasanzwe, gusama inda mu mezi makeya inyuma y’inda ikorotse canke ikorowe biboneka ko ata ngaruka mbi vyongera ku muvyeyi no ku mwana, nk’uko bivugwa n’abashakashatsi bihweje abo vyashikiye mu buzima. Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw’isi (OMS/WHO), rigira inama ko hoca amezi atandatu imbere yo gusama iyindi nda. Aho ni ukugira umugore aronke umwanya wo kuruhuka. Ariko icigwa co muri PLoS Medicine, cagizwe ku nda zasamwe 72.000, cerekana ko abubakanye bashobora kugerageza ata bwoba gusubira kurondera umwana. Ishirahamwe rishigikira abagize ivyago inda zikavamwo, Tommy, rivuga ko abagore bumva biteguriye gusubira kugerageza buno nyene inda igikoroka bobikora mu gihe ata mpamvu yo kwa muganga ibibuza. OMS ivuga ko ubushakashatsi ku gutandukanya imbanyi busanzwe buriko burakorwa kandi ko buzotanga inama nshasha niyo zaboneka. Ubwo bushakashatsi bwo muri Norvège, bwamaze imyaka umunani kuva mu 2008 gushika mu 2016, bwasanze ata budasa bunini buhari ku vyoshika iyo inda isamwe  imbere y’uko haca amezi atandatu. Ivyatowe biratandukanye n’igikorwa cari cakozwe imbere muri Amerika y’Epfo -hamwe n’ibindi vyigwa – ari vyo OMS  yagendeyeko mu gutanga inama zerekeye gutandukanya imbanyi. Abanditse ico cigwa ca vuba co muri Norvège bavuga ko inama zitangwa zikwiye gusubirwamwo kugira ngo abubakanye bafate ingingo bafise amakuru nyayo ku vyerekeye ryari bogerageza kurondera umwana. Gusaba abavyeyi kurindira amezi atandatu inyuma y’inda ikorotse canke ikorowe gishobora kuba ikiringo kirekire cane bamwe batorindira, cane cane iyo ata mvo igaragara yo kwa muganga ihari yo kubishigikira, nk’uko babivuga. Basaba ko hoba ibindi vyigwa. Abahinga bavuga ko kuba ufise amagara meza vyongereza amahirwe yo gusama. Abagore bagirirwa inama yo gufata ibinini vya acide folique buri munsi mu gihe bariko baragerageza gusama gushika ku ndwi z’ibiri z’imbanyi. Bigabanya ivyago vyo kuvyara umwana afise ubwonko canke uruti rw’umugongo bitameze neza. Inda zikoroka kare bishikira hafi umwe ku bagore batanu  (ni ukuvuga 20%) mu buzima bwabo. Kenshi nta kibitera kimenyekana. Vyarashitse inda igakoroka, hari amahirwe menshi ko inda ikurikira izogumayo. Ntibikunze gushika ngo inda zikoroke zikurikiranya. Ishirahamwe Tommy  rivuga ko iyo  vyigeze kuba inda igakoroka, birashobora gufasha kubaza umuganga wawe ko hoba hari imvo zo kwa muganga zotuma biba ngombwa ko urindira imbere yo gusubira kugerageza gusama. Ariko n’ingene umuntu avyakira navyo n’ukubishingirako. Bamwe bumva bikenewe ko bofata umwanya wo kwitegura kuvyakira no gutwara iyo nda nshasha. “Hari igihe bikenerwa ko ufata umwanya wo kuririra umwana wabuze imbere y’uko wiyumvira kazoza. ""Abandi bibaza ko kugerageza kandi bibafasha kwihanganira ivyabashikiye”, nk’uko Tommy ivuga. . “Ni ingingo umwe umwe afata ku giti ciwe  canke iyo mubanza kwumvikanako n’uwo mwubakanye iyo ahari”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cjlr7p006x7o +health Malaria imaze guhitana abantu 1800 uno mwaka mu Burundi "Malariya imaze guhitana abantu barenga 1800 mu Burundi uno mwaka, igitigiri kingana hafi nico abamaze guhitanwa n'ikiza ca Ebola muri Repubulkika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, nk'uko bivugwa n'igisata ca ONU kijejwe ubutabazi, OCHA. Mu cegeranyo giherutse, OCHA ivuga ko abantu imiliyoni zitanu n'ibice indwi banduye malariya muri uno mwaka mu Burundi, igitigiri kingana hafi igice c'abanyagihugu bose muri ico gihugu. Muri abo bantu bose, abangana 1801 barahitanywe n'iyo ndwara iterwa n'umubu kuva mu kwezi kwa mbere gushika ku wa 21 z'ukw'indwi. Leta y'Uburundi ntiratangaza niba iyo ndwara ari ikiza, n'aho OCHA yoyo yemeza ko mu kwezi kwa gatanu ibitigiri vyarengeye ibisanzwe bifatirwako kugira indwara ifatwe nk'ikiza. Ikinyamakuru ca OCHA gisohoka ku ndwi ku ndwi ku vyerekeye ubutabazi, kivuga kiti: ""Integuro y'igihugu y'uguhangana n'ikiza ca malaria, isanzwe iriko irigwa, irerekana ko hari ikena ry'abakozi, uburyo n'amafaranga"". ""Abegwa n'iki kibazo bose, harimwo abategetsi b'igihugu n'amashirahamwe, basabwa kwegeranya ibisabwa vyose kugira ngo hatorwe inyishu ikomeye kuri iki kibazo amazi atararenga inkombe"". OCHA ivuga ko kubona ata ngingo z'ugukinga zifatwa nk'ugukoresha imisegetera, ihindagurika ry'ibirere hamwe n'uruja n'uruza rw'abantu badakingiwe rwiyongereye, biri mu bituma iyo ndwara yiyongera. Umwe mu bategetsi ba OCHA yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ""ingingo y'ugutangaza ikiza ari ingingo yega leta y'Uburundi nk'igihugu cigenga"". Mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka, OCHA yamenyesheje ko igitigiri c'uburere bw'ubuvuzi aho malariya igenda iba nk'ikiza ciyongereye mu kwezi kwa gatanu, aho cashitse ku burere 33 kuri 46. OCHA ivuga ko malaria yiyongereye ku bice 164 kw'ijana (164%) ku ndwi igira 29 y'umwaka wa 2019 ugereranije n'indwi ya 29 y'umwaka uheze wa 2018. Mu kwezi kwa gatatu kw'umwaka wa 2017, leta yaratangaje malariya nk'ikiza igihe abantu umuliyoni n'ibihumbi 800 bari bamaze kwandura iyo ndwara, abandi nabo 700 irabahitana, ariko ubu ntirafata ingingo nk'iyo." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49251318 +health Covid-19: Amerika imaze gupfisha abasumba abapfiriye muri Vietnam, Iraki na Afghanistani "Leta Zunze Ubumwe za Amerika nico gihugu kimaze kubura abantu benshi kw'isi kubera coronavirus, mu gihe abarenga imiliyoni 1.69 banduye, ibice 30% vy'abamaze kwandura. Leta y'ico gihugu yatanguye gutangaza umuntu wa mbere yanduye uwo mugera ku wa 21 z'ukwa mbere mu ntara ya Washington. Kw'isi yose, imiliyoni zirenga 5.6 nibo bamaze kwandura uwo mugera, nayo 354.983 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima kuva uwo mugera wadutse mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa mu mpera z'umwaka uheze. Ishure kaminuza John Hopkins, riri muri leta ya Maryland rikaba risanzwe rikurikirana ibijanye n'uwo mugera, ritangaza ko abamaze guhitanwa n'uwo mugera muri Amerika ari 100.276. Ni ukuvuga ko Covid-19 imaze guhitana abantu basumba abasize ubuzima mu ntambara za Korea, Vietnam, Iraki na Afghanistani bafatiwe hamwe bose. Ibitigiri vy'abahitanwa n'uwo mugera muri Amerika bibandanya vyiyongera, kandi abajejwe amagara y'abantu bavuga ko ibiharuro bifise kuba bisumba ibitangazwa. Amatohoza yakozwe n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters avuga ko mu ndwi iheze intara 20 zatangaje ko ibiharuro vy'abandura vyiyongereye. Caroline du Nord, Wisconsin na Arkansas ziri mu ntara zabonye umurindi munini w'abanduye. Ibiharuro vy'abanduye biguma ku rugero runini cane mu bisagara, harimwo Chicago, Los Angeles na Washington DC. Hagati aho, hari intara zimwe zimwe zari zigeramiwe cane ariko ubu abapfa bakaba bagenda bagabanuka, aho harimwo nk'intara ya New York, aho abashika 21.000 bamaze guhitanwa n'uwo mugera. Perezida Donald Trump ashimangira ko iyo ubutegetsi bwiwe budafata ingingo abapfa baba barenga incuro 25 abamaze gupfa, n'aho abamunegura bamwagiriza ko yananiwe no gufata ingingo mu mwanya wo nyawo. Abakuru b'intara baragirizwa ko bananiwe no gufata nka nkama amakuru yagabisha ko uwo mugera ushobora kwiha inkumbi mu bigo vy'abakukuruke. Mu ntango, uyo mukuru w'igihugu wo mu mugambwe w'aba Republika yafashe minenerwe ico kiza, aho yakigereranije n'ibicurane bisanzwe. Mu kwa kabiri, yavuze ko bari bamaze kugitsinda kandi ko gushika mu kwa kane ""cashobora kuba camaze kuranduranwa n'imizi"". Uko iminsi yagenda niko yagenda ahindura imbono, aho ubwa mbere yavuga ko cashobora guhitana abantu bari hagati ya 50.000 na 60.000, mu nyuma aja kuri 60.000 na 70.000, akaba yabona ko abari gupfa batari gushika 100.000. Mu nyuma rero akaba yahavuye ahindura imvugo, aho muri kuno kwezi yivugiye ko ari ""umudari w'iteka"" kubona Amerika ifise ibiharuro binini vy'abanduye gusumba ibindi bihugu kw'isi, akavuga ati ni ""dufise ubushobozi bwo gupima bukomeye gusumba ibindi bihugu"". Ubushakashatsi bwakozwe n'ishure kaminuza Columbia University ry'i New York bwerekana ko uwo mugera wari guhitana abatarenga 36.000 iyo Amerika ifata ingingo hakiri kare. Joe Biden, umunyapolitike wo mu mugambwe w'aba Democrates aboneka ko ari we ashobora guhiganwa na Perezida Trump mu matora yo mu kwa cumi na rimwe aranegura ingene ubutegetsi bwa Trump bwavyifashemwo. Avuga ko iyo hagafatwa ingingo zo guhagarika uwu mugera ko ibintu bitaba bimeze uko bimeze. Gushika ubu, imiliyoni 39 z'abanyamerika baratakaje akazi kabo kubera ico kiza kubera ingingo za guma mu rugo, leta ikaba iriko isaba abarongoye intara ko boreka abantu bagasubira ku bikorwa. Gushika ubu, nta rucanco rwa Covid-19 rurashobora kuboneka, kandi nta n'umuti uremezwa, n'aho hari myinshi iriko irageragezwa." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-52830996 +health Coronavirus: Kenya yiketse uwoba yanduye, 106 bamaze gupfa mu Bushinwa Abantu 106 nibo bamaze guhitanwa na wa mugera mushasha wa coronavirus, mu gihe igitigiri c'abandura kigenda congerekana, ubu kikaba kigeze ku barenga 4500. Ico gitigiri kigenda ciyongera mu gihe leta y'Ubushinwa iriko yita ku rutare kugira ngo ituze uwo mugera. Igihugu c'Ubuyapani carungitse indege mu gisagara ca Wuhan hatanguriye iyo ndwara, mu ntumbero yo gutahukana abantu baco. Uyo mugera waratandukiriye n'ibindi bihugu, aho ibishika 15 bimaze kwandukirwa hampande y'Ubushinwa. Mu karere k'ubuseruko bwa Afrika, igihugu ca Kenya kiriko kirakurikiranira hagufi umuntu yiketswe ko yoba yanduye uwo mugera, aho yashikanywe mu bitaro vyitiriwe Kenyatta ku mugwa mukuru Nairobi. Ubushinwa bwafashe ingingo zo kugabanya uruja n'uruza mu bice bibangamiwe harimwo Wuhan, hamwe n'intara ya Hubei. Mu bisagara bitari bike, kwambara udutambara dupfuka umunwa n'amazuru ni itegeko. Umugera wa coronavirus uronona ibihimba vy'ihemero bigatuma umuntu agira ingorane zo guhema, kandi gushika ubu nta muti canke urucanco ruraboneka. Abenshi mu bamaze guhitanwa n'uwo mugera ni abo mu ntara ya Hubei. Mu ntango hakarirwa abatama n'abatamakazi canke abari basanzwe bafise ibibazo vyo guhema, ariko nta makuru menshi arashikirizwa ku biraba abaherutse guhitanwa n'uwo mugera. Coronavirus yifashe gute kw'isi? Leta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze kugabisha abanyagihugu bazo kwitondera ivy'ingendo zo mu Bushinwa, zinababuza kuja mu ntara ya Hubei. Amerika kandi itegura gukura mu minsi iza abakozi bo mu biro vyayo vy'ubuserukizi mu gisagara ca Wuhan. Eka n'Ubuyapani buriko bufata ingingo nk'izo. Butegura kurungika indege ejo ku wa gatatu gutahukana Abayapani bashika 200, bakazoba bari kumwe n'abaganga bazogenda barabakurikirana. Ubufaransa nabwo nyene butegura gukura abanyagihugu babwo mu ntara ya Wuhan. Ubwongereza ntiburafata ingingo nk'iyo ariko bwasavye abanyagihugu babwo kuva muri ico gisagara mu gihe vyobakundira. Hagati aho, bamwe mu bongereza basanzwe baba mu ntara ya Hubei bafise ishavu kuko bavuga ko batabona ayo bacira n'ayo bamira. Uno munsi, igihugu ca Philippines catangaje ko kigiye kwima impusha zo kwinjira muri ico gihugu (Visa) ingenzi zivuye mu Bushinwa. Ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu OMS, rimenyesha ko abantu bashika 47 baba hanze y'Ubushinwa bamaze kwandura uwo mugera. N'aho ata muntu arahasiga ubuzima, ibihugu vya Thailand, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Australia, Singapour, Taiwan, Malaysia, Koreya y'Epfo, Ubuyapani, Ubufaransa, Vietnam, Nepal, Canada, Cambogge, Sri Lanka n'Ubudagi biramaze kwandukirwa n'uwo mugera. Amakuru avuga ko umuntu umwe yiketswe ko yoba yanduye uwo mugera yashikanywe mu bitaro vyitiriwe Kenyatta ku mugwa mukuru Nairobi kugira bamukurikirane. Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bitangaza ko uyo muntu, umunyeshure, yiketswe mu gihe yari yururutse indege, ariho yaca ashirwa mu kibanza ca wenyene. Bivugwa ko uyo munya Kenya yari avuye mu gisagara ca Guangzhou mu Bushinwa kandi ko abajejwe amagara y'abantu muri ico gihugu aribo bamwemereye ko ashobora gufata urugendo. Ejo haheze, Kenya yaragabishije abanyagihugu bayo ko bokwirinda ingendo zo mu gisagara ca Wuhan, gushika aho uwo muhera uzotuzwa burundu. Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'ico gihugu bumenyesha ko bubandanya buvugana n'abanyagihugu ba Kenya bugaraniwe muri ico gisagara ca Wuhan, arico catanguye kubonekamwo uwo mugera. Mw'itangazo bwasohoye, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko abanyagihugu ba Kenya bashika 85 aribo bazwi ko baba muri ico gisagara. Baciye ku rubuga rwa Twitter, basohoye ubutumwa bakoresheje urufunguruzo #KenyansInWuhan, aho basaba leta ko yokora ibishoboka ikabakura muri ico gisagara. https://www.bbc.com/gahuza/51281306 +health Madagascar 'iratabaza ngo ifashwe kurwanya coronavirus' "Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Madagascar yasavye amashirahamwe akorana n'ico gihugu hamwe n'inzego zijejwe amagara y'abantu ko yofasha ico gihugu kurwanya Covid-19 mu gihe ibiharuro bibandanya biduga. Urubuga rwa Actu Orange ruvuga ruti: "" Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwerekanye ko ikiza ca Covid-19 mu ndwi ziheze ciyongereye ku buryo buteye ubwoba muri Madagasikari, aho habonetse abantu benshi bayanduye mu turere tumwe tumwe, cane cane ku mugwa mukuru, Antananarivo"". Abarongoye ibitaro bimwe bimwe vyo ku mugwa mukuru wa Madagasikari baragabisha ko barengewe inyuma y'ibiharuro biherutse kuduga ku buryo buteye ubwoba, kandi ko bazokwakira gusa indembe za Covid-19. Kugeza ubu iryo zinga rya Madagascar rifise abantu hafi 7500 banduye Covid-19 kandi ko hafi 80% muri bo basuzumwe mu kwezi guheze. Perezida Andry Rajoelina mu ntango z'uku kwezi yongeye kwugara umugwa mukuru inyuma y'aho ibiharuro vy'abanduye vyongerekaniye. Mu kwa kane, yatanguje icese ""umuti"" kama wo kwirinda Covid-19 wakwiragijwe cane mu gihugu, anashimangira ko igihugu kiriko kirarwanya iyi ndwara. Eka hari n'ibihugu bitari bike vya Afrika navyo nyene vyarungikiwe uwo muti, Covid-Organics. Hagati aho, uwo muti kama w'amazi wariyamirijwe n'abahinga mu vyo amagara y'abantu muri Nijeriya na Republika y'Intwaro Rusangi ya Congo, inyuma yo kuwukorako ivyigwa kugira bihweze nimba koko ushobora kuvura Covid-19." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53501218 +politics Ukraine: Ingwano ishobora kurangira gute? Inzira zitanu zishoboka "Mu gipfungu/gihu c'intambara, biragoye kubona inzira yo gukomeza. Amakuru yo ku rugamba, iyo abakurukirana imigenderanire umenga ntibakivuga, agahinda k'abababaye n'abateshejwe izabo; ibi vyose birashobora kukurenga. Reka rero dufate akanya gato turabe iyo ingwano yo muri Ukraine iyo ishobora gutera igana. Zimwe mu nzira abanyaporitike n'abategekanya ivya gisirikare bariko baribaza ni izihe? Si benshi bokwemeza ko babona neza iyo ibintu bitera bija , ariko ibi ni bimwe mu bishobora kuba. Vyinshi ntibihumuriza. Kugira bigende uko, Uburusiya busohora inguvu nyinshi za gisirikare. Ibitero vy'ibisasu vya rutura na za roketi bikaraswa ata gutoranya. Inguvu zo mu kirere z'Uburusiya -gushika ubu ata ruhara rukomeye ziragira - ziragaba ibitero vy'indege bitema bigatongora. Ibitero vy'ikivunga vy'ubuhinga bwa none bw'ama ordinateurs (cyber attacks), bitota ibikorwa remezo bikuru bikuru vy'igihugu. Inzira z'inguvu (amatara, ibitoro) n'ugutumatumanako ziracibwa. Abantu benshi barapfa. N'ubwo bihagararako rugabo, Kyiv irafatwa mu minsi mike. Reta isubirizwa n'ubutegetsi bugendera mu kwaha kwa Moscou. Prezida Zelensky aricwa canke arahunga, aje muri Ukraine yo mu burengero canke mbere hanze y'igihugu, kugira ashinge reta yo mu buhungiro. Prezida Putin aratangaza ko atsinze ace avanayo ingabo zimwe ariko asigeyo izihagije kugira agume ahagenzura. Abantu ibihumbi n'ibihumbi baguma bahunga. Ukraine ica ihamvya Belarus mu kuba igikoresho ca Moscou. Ibi ntacobuza ko bishoboka, ariko habanza guhinduka ibitari bike kugira ntibibe uko: ingabo z'Uburisiya zikora neza gusumba, kugomora izindi ngabo nyinshi, hanyuma agatima kadasanzwe ka Ukraine ko kwigwanira kakayoyoka. Putin ashobora guhindura ubutegetsi muri Ukraine no guhagarika ko yinjira mu muryango w'ibihugu vy'i Buraya. Ariko intwaro yose igendera ku murongo w'Uburusiya ntiyokwemerwa mu gihugu kandi ishobora guhangana n'ubugumutsi. Bigenze uko nta maragamo yoboneka kandi hokwama ubwoba ko intambara ishobora gusubira kwaduka umwanya uwari wo wose. Kandi n'igihe ingabi z'Uburusiya zoshinga imizi mu bisagara vya Ukraine, kumbure vyozigora kuguma zihagenzura. Kumbure Uburisiya bishobora kubugora kuronka ingabo bukwiza muri ico gihugu kinini cane. Ingabo za Ukraine zica zitangura gukora nk'inyeshamba, zifise ishaka kandi zishigikiwe n'abanyagihugu. Ibihugu vya Buraya bibandanya kubaha ibigwanisho n'ivyo bijana. Hanyuma kumbure inyuma y'imyaka myinshi, kumbure n'ubutegetsi bwarahindutse i Moscou ingabo z'Uburusiya amaherezo zive muri Ukraine, zicurikiye kandi zuzuye amaraso, nk'uko imbere yaho zavuye muri Afghanistan inyuma y'imyaka cumi zirwanya intagondwa z'aba Islam. Birashoboka ko iyi ntambara irenga imbibe za Ukraine? Prezida Putin ashobora kurondera kugaruza bimwe mu bice vy'icahoze ari nk'ubwami bw'Uburisiya mu kurungika ingabo mu zahoze ari ibihugu bigize Ubumwe bw'aba Soviet nka Moldova na Georgia, ubu bitari mu muryango wo kwivunira umwanshi hamwe rwa Otan/Nato. Ariko hashobora kuba n'ukwihenda ibintu bikunyuka. Putin ashobora kuvuga ko ukuba ibihugu vya Buraya biha ibigwanisho ingabo za Ukraine ari igikorwa c'agasotoro gikwiye ingere ku yindi. Ashobora gukangisha kurungika ingabo mu bihugu vya Baltique- bisanzwe biri muri Otan- nka Lithuania, kugira ace inzira yo ku butaka yo gushika muri Kaliningrad. Ivyo vyoba bibangamye cane kandi bishobora kuvamwo intambara na Otan. Hagendewe ku ngingo ya 5 y'amasezerano y'uwo muryango, igitero kuri kimwe mu bihugu biwugize, n'igitero kuri vyose. Ariko Putin ashobora kugerezako agafata iyo nzira mu gihe yobona ko ariyo yonyene isigaye kugira ikize ubutegetsi bwiwe. Hamwe yobona, kumbure ko agiye gutsindwa muri Ukraine, ashobora kwunyura ibintu. Ubu turazi ko uwo mutegetsi w'Uburusiya ashaka gusambura uko ibintu bisanzwe bitunganijwe ku rwego mpuzamakungu. Bifatiwe ngaho bishobora no kugenda gutyo ku bigwnaisho vya nucleaire. Muri iyi ndwi, Putin yatanze itegeko ko ibigwanisho vya nucleaire bishirwa ku rugero rwo hejuru rwo kumera magabo. Abaraba ibintu n'inbindi ntibibaza ko ivyo bisigura ko hagiye kuba ikoreshwa ryavyo canke ko ryimirije. Ariko kwabaye ukwibutsa ko Uburusiya bushobora gukoresha bimwe mu bigwanisho vya nucleaire ku rugamba. Uko ibintu biri kwose, biracashoboka ko haba inyishu iciye muri diplomasi? Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ati: ""Ubu inkoho/imbunda nizo ziriko zirayaga, ariko inzira z'ibiganiro zitegerezwa kuguma zuguruye"". Nta nkeka ibiganiro birakomeza. Prezida Macron w'Ubufaransa yaravuganye kuri terefone na Putin. Abajejwe imigenderanire bavuga ko inzira zo kurondera inyishu ziguma zirungikwa i Moscou. Kandi mu biboneka nk'ibitangaje, intumwa za Ukraine n'Uburusiya zarahuye mu biganiro ku rubibe rwa Belarus. Bashobora kuba ata vyinshi bashitseko. Ariko kubona yemeye ko haba ibiganiro, Putin asa nibura n'uwemera ko bishoboka ko haba uguhagarika intambara kwumvikanyweko. Ikibazo gihambaye n'ukumenya niba ibihugu vy'uburengarazuba bishobora gutanga ico abajejwe imigenderanire bita ""off ramp"", ijambo abanyamerika bakoresha bashaka kuvuga gusohoka uva mw'ibarabara rikuru (high way canke autoroute). Abakurikirana ivy'imigenderanire bavuga ko bikenewe cane ko umutegetsi w'Uburusiya amenya ico vyosaba kugira ibihano vy'abanyaburaya bivanweho kugirango umwumvikano wo guhuma amaso nibura ushoboke. Turabe bigenze uko. Ingwano igenze nabi ku Burusiya. Ibihano bitanguye gushegesha Moscou. Amajwi y'abadashaka ingwano atanguye kuba menshi mu gihe ibiziga vy'abagwa ku rugamba biguma bitahanwa ku bwinshi. Putin aribaza niba yasemuye bunini kuruta ubwo ashobora kumira. Asanga kubandanya intambara vyobangamira ubutegetsi bwiwe kuruta kwemera ibimaramare vyo kuyihagarika. Ubushinwa burahagurutse mu kwotsa igitutu Uburisiya kugira bwemere umwumvikano bugabisha ko butazogura ibitoro na gaz vy'Uburusiya budahosheje intambara. Putin aca atangura kurondera ingene yobisohokamwo. Hagati aho abategetsi ba Ukraine baguma babona ingene igihugu cabo kiriko kirasambura babona ko umwumvikano wa poritike ari mwiza gusumba kuguma bariko baratakaza ubuzima. Gutyo abajejwe imigenderanire baragiye ku kivi , amasezerano arabonetse. Dufate ko Ukraine yemeye ko Uburusiya aribwo buramutswa intara ya Crimee n'ibice vya Donbas. Putin nawe yemeye ubwigenge bwa Ukraine n'uburenganzira bwayo bwo gukomeza ubucuti na Buraya. Ibi bisa n'ibitoba. Ariko ntibisa n'ibiri mu rugero rw'ibitoshoboka aho intambara yasize umunyota n'urupfu. Ku vyerekeye Vladimir Putin nawe ubwiwe. Igihe yatangura igitero, yatangaje ati: "" Twiteguriye ibishoboka vyose."" None hamwe igishoboka kwoba uko atakaza ubutegetsi? Ariko ubu isi yarahindutse muri iyi minsi ya vuba ku buryo ivyo bintu ubu bishobora kwibazwa. Professor Sir Lawrence Freedman, umwigisha w'iteka ku bijanye n'ingwano kuri kaminza ya Kings College, London, muri iyi ndwi yanditse ati: ""Ubu bishoboka ko ubutegetsi buhinduka i Moscou co kimwe nk'uko bishoboka i Kyiv."" Kubera iki ashobora kuvuga ivyo? Kumbure Putin ariko aragwana ingwano y'akaga. Abasirikare ibihumbi vy'abarusiya barapfa. Ibihano vy'ubutunzi biraryana. Putin aratakaza ugushigikirwa n'abanyagihugu. Kumbure igihugu gishobora guhagaruka kigakora impinduka (revolution). Putin arakoresha ingabo z'igihugu mu kuzimaganya abateye kubiri n'imigambi yiwe. Ariko ivyo bihindukiye nabi ku buryo abatari bake mu ngabo z'Uburisiya, abaza imbere mu butunzi n'uburongozi bamuhindutse. Abategetsi ba Buraya bafatiye ngaho bati hamwe Putin yohava hanyuma hakaza umutegetsi yoroheje kuruta, ibihano vy'ubutunzi vyohava hanyuma imigenderanire igasubira kuba uko yahora. Harabaye itembagazwa ry'ubutetsi risheshe amaraso Putin akaba arahavuye. N'ubu nyene. Ibi bisa n'ibitoshika muri iki gihe. Ariko ntawovyigizayo burundu mu gihe abakuye inyungu mu butegetsi bwa Putin botangura kubona ko atagishoboye guzkingira. Muri izi nzira zose zishoboka, imwe ntituma iyindi itoba - zimwe zishobora gukorera rimwe kugira zitange inzira itandukanye. Ariko uko iyi ntambara izorangira kwose, isi yahindutse. Ibintu ntibizosubira kumera uko vyari bisanzwe bimeze. Imigenderanire y'Uburusiya n'ibindi bice vy'isi izoba iyindi. Ingene ibihugu vya Buraya bitegekanya umutekano bizosubirwamwo. Hagati aho amakungu azoba yongeye gusubira kubona ico indinganizo mpuzamakungu y'isi ishingiye ku mwidegemvyo n'amategeko yari ibereyeho." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60615738 +politics Ukraine: Ivyaha 21.000 vyo mu ntambara biriko bigirwako amatohoza - Umushikirizamanza "Ukraine ivuga ko iriko iragira amatohoza ku vyaha bishobora kuba ari ivyo mu ntambara n'ivyo kuvogerwa vyakozwe n'Uburusiya kuva ico gihugu gitewe. Umushikirizamanza mukuru Iryna Venediktova yabwiye BBC ko yaronse ivyegeranyo biri hagati y'ivyaha vyo mu ntambara 200 na 300 ku musi umwe. Aremeza ko nyinshi muri izo manza zishobora kuzocibwa abagirizwa batahari, ariko amenyesha ko ari ""ikibazo c'ubutungane"" kubandanya guca izo manza. Uburusiya bwateye Ukraine itariki 24 z'ukwezi kwa kabisi. Burahakana ivyaha vyose vyo mu ntambara bwagirizwa. Avugana na BBC, Venediktova yagabishije abasirikare b'Uburusiya bishe, bagasinzikariza ubuzima abantu canke bagafata ku nguvu abasivile ko ""bategerezwa kumenya ko ari ikibazo c'umwanya gusa kugira bose bashikirizwe ubutungane"". Yavuze ko n'aho umugwi arongoye uriko urakorera mu turere twose muri Ukraine, utashoboye kugira amatohoza ku vyaha vyose ""neza kandi ata nzitizi"" kubera kudashobora gushikira abantu bamwe bamwe n'uturere. Aha bigaragara ko yashaka kuvuga uturere twigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya. Mu kwezi kwa gatanu, Venediktova yavuze ko abantu bakekwako ivyaha 600 bamaze kumenyekana kandi ko imanza 80 zimaze gutangura. Umusirikare wa mbere w'Umurusiya yaciriwe urubanza muri Ukraine ni Sgt Vadim Shishimarin, yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa kwica umusivile mu kwezi kwa gatanu. Ukraine ivuga ko imaze gutahura ibindi bibanza vyatawemwo abantu ikivunga i Bucha, Borodyanka hamwe no mu bindi bisagara vyegereye umugwa mukuru Kyiv hari higaruriwe n'ingabo z'Uburusiya umwanya muto. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yavuze ko Ukraine ari ""ikibanza c'ubwicanyi"", inarungikayo igitigiri kinini c'abafasha mu matohoza kitari bwaboneke muri ico gihugu, gufasha. Uburusiya bwagumye buhakana ko budatera abasivile. Ku rubuga rw'intambara, abasirikare ba Ukraine bavuga ko ingabo z'Uburusiya ziriko zirategura ibitero ku karere ko mu buseruko ka Donetsk, mu gutera ibibombe ku bisagara vyinshi. Uburusiya bwarigaruriye akarere ka Luhansk nka kose mu mpera z'indwi iheze, nk'imwe ntumbero yo kugerageza kwigarurira akarere ka Donbas kose. Mu nkuru zishasha, igisirikare ca Ukraine kivuga ko ingabo zaco ziriko ziraterwa cane ariko ko gushika ubu bashoboye kuzihagarika. Ababa i Slovyansk, igisagara nkenerwa kiri mu minwe ya Ukraine, basabwe kukivamwo bahungire mu burengero - umusi umwe inyuma y'igitero c'Uburusiya kw'isoko cahitanye abantu benshi. Hagati aho, prezida wa Ukriane Volodymyr Zelensky, yavuze ati ""ibigwanisho birasa kure vya bagenzi bacu b'i Buraya vyatanguye gukora n'inguvu, igitigiri c'abaduteye bahasiga ubuzima kizokwiyongera""." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cy7q25qn9vyo +politics Ukraine: Mbega Putin ashaka iki, ubwo Russia izoteba ihagarika intambara? "Igihe Vladimir Putin ata Ubulaya mu ntambara mu kugomorera ingabo ku gihugu c'imiriyoni 44 z'abantu, insiguro yatanga kwari uko Ukraine ya none yegamiye ku bihugu vyo mu burengero yari akaga kandi ko Uburusiya butari kwumva ko ""butekaniwe, butera imbere canke ngo kubandanya bubaho"". Ariko inyuma y'amayinga amaze acucagira amabombe kuri iki gihugu, ibihumbi n'ibihumbi bamaze kuhasiga ubuzima amamiriyoni nabo bagata bagahunga, hari ikibazo kibandanya cibazwa: intumbero y'intambara yiwe ni iyihe, hari umuti ushoboka? Intumbero yari afise igihe Uburusiya butangura intambara zisa n'izapfuye uko intambara yagiye igenda mu gihe yayitanguje yibaza ko yari kuyitsinda mu kanya isase. Nta n'uko yavuga ko cari igitero canke intambara, agashima kwivugira ko ari ""ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare"". Ariko ikiboneka ni uko abona iki gihe nk'ikidasanzwe mu mateka y'Uburusiya. ""Kazoza k'Uburusiya n'ikibanza cabwo kw'isi muri kazoza biri mu kibazo"", nk'uko bivugwa n'umukuru w'igisata kijejwe igendereza ryo hanze, Sergei Naryshkin. Mu ntango, umukuru w'igihugu c'Uburusiya yari afise intego yo kwigarurira Ukraine agatembagaza reta, mu ntumbero yo kurangiza burundu icipfuzo cayo co kwinjira mw'ishirahamwe ryo kurwaniriza umwansi hamwe rihuza ibihugu vyo mu Burengero, OTAN/NATO. Yabwiye abanyagihugu b'Uburusiya ko intumbero yiwe ari ""ugusambura igisirikare no gukuraho ubutegetsi bw'iki Nazi muri Ukraine"", gukingira abanyagihugu ico yita imyaka umunani y'agatotezo n'ihonyabwoko bakorerwa na reta ya Ukraine. Ashimangira ati: ""Intumbero yacu si ukwigarurira ubutaka bwa Ukraine. Nta ntumbero dufise yo gushiraho ikintu ico ari co cose canke umuntu uwo ari we wese ku nguvu"". Ariko nta ba Nazi bariyo, nta n'ihonyabwoko ryariyo, kandi Uburusiya buriko bukoresha inguvu z'ubunyamaswa mu gutera ibisagara bitari bike, mu gihe abanya Ukraine bishize hamwe mu kwiyamiriza abashaka kwigarurira igihugu cabo. Ibibombe bibandanya bicucagirwa - ariko amakuru ya nyuma ava mu twigoro tw'ibiganiro avuga ko Uburusiya butakirondera gusenyura ubutegetsi, ko ahubwo burondera Ukraine itagira aho yegamiye. Kuva Ukraine ironse intahe y'ukwikukira mu 1991, igihe icahoze ari Ubumwe bw'aba Soviet gisambukiye, yagiye ishaka kwishira ku ruhande rw'Uburengero - mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya hamwe no muri OTAN. Perezida Putin ashaka guhindura ivyo, akabona ko isambuka rya Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet ari ""isenyuka ry'Uburusiya"". Avuga ko Abarusiya n'abanya Ukraine ari bamwe. Mu kwaka Ukraine akahise kayo, yavuze ati: ""Ukraine ntiyigeze iba igihugu nyaco kuva muri kahise"". Mu 2013 yasavye ashimitse Perezida Viktor Yanukovych yari yegamiye ku ruhande rw'Uburusiya kudatera igikumu ku masezerano n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya, ivyatumye haduka imyiyerekano yasenyuye ubu butegetsi bwa Ukraine muri Ruhuhuma (ukwa kabiri) 2014. Uburusiya bwaciye bwihora mu 2014 mu kwigarurira intara ya Crimée/Crimea iri mu bumanuko bwa Ukraine buca bufata mu mugongo inyeshamba zo mu buseruko zishaka kwiyonkora kuri Ukraine zikaba zimaze imyaka umunani zirwana n'igisirikare ca Ukraine mu ntambara imaze guhitana abantu 14.000. Harabaye agahengwe, haba n'amasezerano ya Minsk mu 2015 atigeze ashirwa mu ngiro. Hasigaye imisi mike ngo igitero gitangure, Perezida Putin yarasambuye aya masezerano y'amahoro mu kwemeza ukwikukira kw'intara zibiri za Ukraine zishigikiywe n'Uburusiya. Igihe agomora ingabo, yagirije OTAN ko igeramiye ""kazoza kacu nk'igihugu"", avuga, ariko ata vyemezo, ko ibihugu vya OTAN vyashaka guteza intambara muri Crimée. Umuhanuzi w'umukuru w'igihugu ca Ukraine Mykhailo Podolyak arizeye ko agahengwe gashobora gutangura mu misi iza kubera ingabo z'Uburusiya zazibiriwe ku birindiro zisanzwe ziriko. Impande zompi ziremeza ko hari intambwe mu biganiro, Podolyak na we akavuga ko umukuru w'igihugu c'Uburusiya yoroheje ivyo asaba. Igihe intambara itangura, Perezida Putin yashaka ko Ukraine yemeza ko Crimée ari akarere k'Uburusiya yongere kandi yemere ukwikukira kw'intara zo mu buseruko zishaka kwiyonkora. Ukraine yotegerezwa guhindura ibwirizwashingoro ryayo kugira ngo yerekane ko itazohava yinjira mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya no muri OTAN. Ikibazo ca kazoza ka Crimée n'intara za Luhansk na Donetsk zishigikiwe n'Uburusiya nk'ibihugu vyigenga nticimirije gutorerwa umuti, ariko ntikizobuza ko haba umwumvikano mu gihe impande zompi zokwemera gutorera umuti iki kibazo mu nyuma. Uburusiya busa n'ubwemeye ko butazotembagaza ubutegetsi bwa Ukraine kugira bubusubirize na reta bwogenzura, nk'uko bimeze muri Biélorussie/Belarus. Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko igihe intambara yaduka yari yamaze kugabisha ko ""umwansi yari yamfashe nka nomero ya mbere mu baronderwa; umuryano wanje ukaza ubwa kabiri"". Tatiana Stanovaya wo mu kigo RPolitik gikora umwihwezo hamwe no mu kigo Carnegie Moscou avuga ati: ""Bisa n'uko [Putin] azotegerezwa kugabanya ivyo asaba"". Ni kubera Uburusiya bushaka guhindura Ukraine ""igihugu kidafise aho cegamiye"" bukoresheje inguvu za gisirikare, bukayihindura nka Autriche cyangwa Suède, ariko vyompi bikaba biri mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya. Autriche ntaho yegamiye, ariko Suède si gutyo bimeze. Mu vy'ukuri ntifise umurongo yafashe ariko ikorana imyimenyerezo ya gisirikare na OTAN. Ibisabwa na Ukraine biratomoye, nk'uko bivugwa n'umuhanuzi w'umukuru w'igihugu: guhagarika intambara ingabo z'Uburusiya zikavanwa mu gihugu, ariko kandi iripfuza ivyemezo ko izoshobora gutabarwa n'ihuriro ry'ibihugu bishize hamwe ryobuza ko haba ibitero kandi ""rikagira uruhara riri ku ruhande rwa Ukraine"". Marc Weller, umwigisha w'amategeko mpuzamakungu akaba yahoze ari n'umuhinga mu vyo ibiganiro avuga ko uretse ko Ukraine isaba ko ingabo z'Uburusiya zivanwa mu gihugu zigasubizwa ku birindiro zariko imbere y'intambara, iki coba kandi umurongo utukura ku bihugu vyo mu Burengero, bititeguye kwemera iyindi ntambara yokwegwa n'Uburusiya. Ukraine nayo nyene yariyoroheje kuva igitero c'Uburusiya gitanguye, aho Perezida Zelensky avuga ko abanya Ukraine ubu batahura ko OTAN idashobora kubakira mw'ishirahamwe. ""Uko ni ukuri kandi dutegerezwa kukwemera"". Podolyak yabwiye ikinyamakuru ca Amerika PBS ati: ""Turiko turakorera ku nzandiko abakuru b'ibihugu bashobora kuganirako hanyuma bakaziterako igikumu. Biraboneka ko ibi bigiye kuba mu misi mike iri imbere kuko niyo nzira yonyene yo kurangiza iyi ntambara"". Ahubwo umukuru w'igihugu c'Uburusiya yongereje urwanko afitiye ibihugu vy'Uburengero n'ishirahamwe ryavyo ryo kwivunira umwansi hamwe rihurikiyemwo ibihugu 30. Ashobora kuba ariko arondera umwumvikano na Ukraine, ariko kuri we Uburengero bufise intumbero imwe rudende - gucamwo ibice Uburusiya impera n'imperuka buyisambure. Imbere y'iyi ntambara, yasavye ko OTAN isubira ku masezerano yo mu 1997 kandi igahagarika ingendo yayo yo kwiyagurira akarere itera ija mu buseruko, yongere ikure ingabo zayo n'ibikoresho vya gisirikare mu bihugu vyinjiye muri iryo shiramahwe kuva mu 1997, yongere kandi ihagarike ibikorwa vyo kurungika ""ibirwaniho hafi y'imbibe z'Uburusiya"". Aha ni ukuvuga mu Bulaya bwo hagati, Ubulaya bw'Ubuseruko no mu bihugu vyo ku kiyaga Baltique (pays baltes/Baltic states). Mu maso ya Putin, ibihugu vy'Uburengero vyaremeye mu 1990 ko OTAN itazokwiyagurira ""n'isantimetero imwe amaja mu buseruko"", ariko vyarangiye ibikoze. Ariko, ibi vyari imbere y'isenyuka rya Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet (URSS/USSR), ivyo yari yiyemeje ku butegetsi bw'umukuru w'igihugu w'umu Soviet Mikhail Gorbachev vyari vyerekeye gusa Ubudagi bw'Ubuseruko mu gihe igihugu c'Ubudagi cariko kirondera gusubirana kikaba igihugu kimwe. Mu nyuma Gorbachev yavuze ko ""ivyo kwiyagurira akarere vya OTAN bitigeze biganirwako"" ico gihe. Rero bamaze kubona ingene Putin afise ishaka ryo gusambura ibisagara vya Bulaya kugira ashike ku ntego yiwe, abategetsi b'ibihugu vy'Uburengero ntibihenda. Umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz yemeza ko umukuru w'igihugu c'Uburusiya ""ashaka kwigarurira Ubulaya mu mbono ziwe z'ukungene isi ikwiye kumera"" mbere na Perezida Joe Biden yamwise inkozi y'ikibi. Scholz na mugenziwe w'Ubufaransa Emmanuel Macron bompi bavuga ko uyu mugabane uri mu bihe bikomeye kuva muri kahise kawo. Imbere y'intambara, Uburusiya bwasavye ko ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara vyose vya Amerika bitorengana imbibe z'ibihugu bisanzwe birimwo. Amerika yaremeye gutangura ibiganiro vyo kugabanya misire zirasa hafi no ku ntera yo hagati, hamwe kandi no ku masezerano mashasha yo kugabanya misire zambukiranya imigabane n'imigabane, ariko hari amahirwe make ko ibi bishoboka muri kino gihe. Tatiana Stanovaya aratinya ko bishobora kwinjira mu yindi ntambara nshasha y'ukwikekana (guerre froide/Cold War): ""Ndabona neza ko ari ngombwa ko twitegurira akaga gashasha kazoba gashingiye ku nguvu za gisirikare kandi kabi cane mu buryo tutari bwigere twiyumvira"". Perezida Putin yarumiwe abonye ingene Uburengero bwamusubirije mu ndumane ku gitero ciwe. Yari azi ko ibihugu vya OTAN bitari guhirahira ngo bihonyoze ikirenge ku butaka bwa Ukraine, ariko kandi ntiyibaza ko yashobora gufatirwa ibihano ku rugero nk'uru bimaze no kugira ingaruka zikomeye ku butunzi bw'Uburusiya - ubu akaba arakaye. Ubumwe bwa Bulaya, Amerika, Ubwongereza na Canada vyariziziye ubutunzi bw'Uburusiya mu buryo bwinshi butandukanye: Nta masezerano na Ukraine ashobora gukuraho ibi bihano, kandi Vladimir Putin arabizi. Ahubwo yahindukiriye Abarusiya barwanya iyi ntambara. Abantu bababa 1500 bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza iyi ntambara baramaze gupfungwa kandi n'ibinyamakuru vyose vyigenga vyategetswe kutagira ico bivuze. Nta batavuga rumwe n'ubutegetsi bakomeye bagisigaye kuko barahunze igihugu, abandi nabo, dufashe nk'akarorero Alexei Navalny, barapfunzwe. Perezida Putin ati: ""Abanyagihugu b'Uburusiya bazokwama bashobora gutandukanya abakunda igihugu nyabo, n'imicafu be n'ibihemu""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60776100 +politics ‘Igihugu gikomeye gitegerezwa kugira igisirikare gikomeye’ – ivyo Xi Jinping yize kw'isenyuka rya URSS "Hari ikintu kidasanze mu mateka y’Ubushinwa caraye kibaye ejo ku wa Mungu: ikoraniro kaminuza ry’Umugambwe w‘Abakomunista (Congress of the Communist Party (CCP)  rigira 20, iri rikaba risanzwe riba uko imyaka itanu irangiye mu ntumbero yo kwemeza uwurongora iki gihugu rutura co ku mugabane wa Aziya, ryaraye rihaye umukuru w’igihugu ahari ubu, Xi Jinping, ikiringo kigira gatatu yikurikiranya, ibitari bwigere bibaho. Iyi ngingo, yiyongereye kw’ihindurwa ry’ibwirizwashingiro  mu 2018 ryakuyeho ingingo yategeka ko ata mukuru w’igihugu ashobora kurenza ibiringo bibiri, igiye kwongerereza inguvu Xi mu kugenzura Ubushinwa, mu kumugira, nk’uko abenshi mu bihweza ibintu n’ibindi babivuga, umukuru w’igihugu wa mbere akomeye kuva ku washinze Repubulika y’Ubushinwa, Mao Zedong. Kimwe mu vyo Xi yemereye abanyagihugu igihe atorwa mu buryo butari bwitezwe kuba umunyamabanga mukuru ni uko CCP itazobona amahano nk’ayo Umugambwe w’Abakomunista w’Ubumwe bw’Abasoviyeti (URSS/USSR) wasenyutse mu 1991. Isenyuka rya URSS – gushika ico gihe yafatirwako akarorero n’Ubushinwa – ryateje ibibazo abategetsi benshi b’Ubushinwa, ariko nta bavyitayeho nk’uko Xi avyitayeho. Joseph Torigian, umwigisha kw’ishure kaminuza  School of International Service of China, yabwiye BBC Mundo ati: “Xi Jinping yavutse mu 1953 kandi ico gihe inyigisho ngenderwako yakoreshwa cane mu Bushinwa yari: 'Reta Zunze Ubumwe z'Abasoviyeti uyu munsi ni Ubushinwa bw'ejo'.” Uyu mwigisha wa kaminuza akongera akaba n’umuhinga muri poritike z’Uburusiya n’iz’Ubushinwa avuga kandi ati:  “Rimwe mu majambo ya mbere kandi akomeye ya Xi yashikirije igihe ashika ku butegetsi ryari ryerekeye isenyuka ry’Ubumwe bw’Abasoviyeti”. Xi yaryise ko ari “imburi”. Muri ino nkuru tugiye kurabira hamwe ibintu bitatu nyamukuru Xi yigiye kw’isenyuka ry’Abasoviyeti n’ingene vyamufashije kuguma arongoye CCP igihe kirekire kuva kuri Mao. Mw’ijambo Xi yashikirije abarongoye  CCP  – ijambo ryabacorotse kandi ryakunzwe gusubirwamwo – yavuze ko isenyuka rya URSS ryatumwe n’itituka ry’indero (discipline) mu mugambwe, n’uko ata muntu yari ajejwe akarangamutima k’umugambwe. “Kubera iki Ubumwe bw’Abasoviyeti bwasenyutse? Kubera iki Umugambwe w’Abakomunista w’Abasoviyeti wasenyutse?” bivugwa ko ari vyo yama abaza bagenziwe. “Imvo nyamukuru ni uko ivyiyumviro n’akarangamutima kayo vyatitutse”. Hagati aho, nk’uko abivuga, igihe uwari arongoye igihugu ico gihe, Mikhail Gorbachev,  afatiye ingingo yo kuzana impinduka zavuyemwo isenyuka ry’ubutegetsi bw’Abasoviyeti, nta n’umwe yamwiyamirije. Xi yasubiwemwo avuga ati: ""Amaherezo ya vyose, ryabaye ijambo rituje rya Gorbachev avuga ko Umugambwe w’Abakomunista b’Abasoviyeti usambutse, umugambwe rutura urazimangana”. Mu majambo yo kunegura, avuga ati: ""Impera ya vyose, harabuze umugabo nya mugabo. Nta n’umwe yubahutse guhagarara bwuma”. Ku wa 01 Mukakaro (7) 2021, mw’ijambo yashikirije mu birori vyo guhimbaza imyaka 100 y’umugambwe CCP, Xi – yari asanzwe atavugira ku mugaragaro kenshi mu myaka cumi amaze ku butegetsi – yashimangiye akamaro k’umugambwe. Ati: “Umugambwe ni rwo ruti rw’umugono rw’Ubushinwa. Iterambere ry’Ubushinwa rishingiye ku mugambwe”. Umunyamakuru w’Ubuyapani Katsuji Nakazawa yandika mu kinyamakuru gikomeye co muri Aziya Nikkei Aziya, yavuze ko “gushiraho ubutegetsi bw’umugambwe umwe - uburyo bwiwe bwo gukingira Ubushinwa ivyashikiye Ubumwe bw’Abasoviyeti – niyo poritike yonyene Xi agenderako kandi yahagarariye ku butegesi bwiwe”. Imwe mu ngingo za mbere Xi yafashe ashikiriye ubutegetsi yabaye gushinga “imirwi mito mito” itari mike muri komite nkuru y’umugambwe, ari nayo yavuyemwo inzego nkuru zifata imigambi mikuru y'igihugu. Xi we nyene ubwiwe ni we yarongoye iyi mirwi.  Yafashe ubutegetsi bwose mu minwe hanyuma agabanya ubushobozi bw’Inama nkuru y’igihugu (State Council/ Conseil des affaires de l'État), inama nshikiranganji irongowe na Li Keqiang, umukeba wa Xi muri poritike. Inkurikizi y’ibi, na poritike y’ubutunzi yari isanzwe irongowe n’umushikiranganji wa mbere buhoro buhoro yahavuye ayigarurira. Ikindi mu mayeri yakoresheje kuva mu ntango mu ntumbero yo gutsimbataza umugambwe kugira ngo ntusambuke, kwabaye ugutanguza amasekeza akomeye yo gutuza ibiturire. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ikoraniro rigira 20 rya CCP ku wa Mungu uheze, yemereye abari aho ko reta yiwe “yakuyeho inzitizi zikomeye zari zinyegeje mu mugambwe”, kubera poritike yiwe. Hagati aho, abenshi mu bihweza ibintu n’ibindi babona ko aya masekeza yabaye ugukura imitego yari kumuzibira mu gutsimbataza ubutegetsi bwiwe, akuraho abashobora kumubera abakeba. Ibihumbi amajana n’amajana y’abategetsi b’umugambwe w’Abakomunista baragirijwe kurya ibiturire, ibi bica bituma Xi atanguza impinduka mu mugambwe, aho nyene ariko aba kibirengeye muri CCP. Carl Minzner, umwanditsi w’igitabo “End of an Era: How China’s Authoritarian Revival Is Undermining Its Rise,” aherutse kubwira ikinyamakuru New York Times, ati: “Inguvu zose Xi – mu kugenzura gusumba amarangamutima, kwemeza ko umugambwe wiganje mu gihugu cose, be no gusubiza Pekin/Beijing mu butegetsi bw’umuntu umwe – zifise intumbero yo gukingira Ubushinwa kugira ngo ntibuhave bugwa mu mutego nk’uwo [Ubumwe bw’Abasoviyeti] bwaguyemwo”. Minzner, umunywanyi w’ikigo c’abahinga ca Amerika,  American Council on Foreign Relations, abona ko iki ari igihushane, kuko, mu gihe anegura Abakomunista b’Abasoviyeti baretse Gorbachev agafata ingingo wenyene kw’isenyuka rya URSS, ukwigungirako ubutegetsi bwose n’ukwigira ikimana, ibi bikibutsa ubutegetsi bwa Mao, biriko bijana hamwe. Ati: “Igitangaje ni uko inzira Xi yahisemwo ishobora gusubiza Ubushinwa mu buryo ntasubira inyuma mu bihe vya kera vy’ubutegetsi canke ikabushira mu bihe Uburusiya burimwo iki gihe, aho intwaro yose igendera kw’ishaka ry’umuntu umwe rudende”. Ikindi cigwa gikomeye umukuru w’igihugu c’Ubushinwa yakuye mw’isenyuka ry’Umugambwe w’Abakomunista b’Abasoviyeti ni akamaro ko kugira igisirikare gikomeye kandi kikuyoboka. Torigian  ati: “Xi abona ko ari ikintu ngirakamaro ko umugambwe ugenzura igisirikare, kugira ngo iyo hadutse akaguma, nka kamwe ko mu 1989 ku kibanza ca Tiananmen Square, gishobore kukazimya gikoresheje inguvu”. Nk’uko uyu muhinga abivuga, kurya abona ko gukomeza umugambwe ari ukuwufata mu minwe, niko yakoze no mu gisirikare rutura, kizwi nka People’s Liberation Army (PLA) c’Ubushinwa. Ati: “N’aho ata bubasha kama afise kuri PLA, nk’uko vyari bimeze kuri Mao Zedong na Deng Xiaoping, bazwi ko bari abategetsi bakomeye mu gihe c’impinduka (revolution), mu kiringo c’imyaka itari mike,  Xi Jinping yaritayeho kugiriranira ubucuti n’igisirikare , aduza abantu bari bamwegereye, hamwe rero n’abajejwe akarangamutima bama bibutsa igisirikare ko ari we mutegetsi mukuru”. Nk’uko Torigian abivuga,  “Xi yifata ko ari we buraro n’uburamuko mu bijanye n’umutekano w’igihugu kandi ko akeneye kugenzura igisirikare mu gihe hokwaduka ikintu kigeramiye ubutegetsi, caba ikiva hagati canke hanze y’igihugu”. Mu vy’ukuri, ni we agenzura “inyabutatu ya gikomunista”  - Umugambwe, Reta, n’Ingabo -  ari co gituma abenshi mu bihweza ibintu n’ibindi bafata Xi nk’umukuru w’igihugu wa mbere akomeye kuva kuri Mao. Xi ntiyifatiye mu minwe PLA  gusa, yarayikomeje, mu kwongereza amafaranga ikoresha, mu gushinga uturere twa gisirikare, mu kwongereza imyimenyerezo ya gisirikare mu ntumbero yo kwitegurira intambara yokwaduka, hamwe no kwagura ububiko bw’ibirwanisho vya nikleyeri, ikintu giteye impungenge Uburengero, nk’uko Torigian  abivuga. Ibi vyose birajanye n’ikindi kimwe kiri mu ngingo ngenderwako yigiye kw’isenyuka ry’Abasoviyeti: “Igihugu gikomeye gitegerezwa kugira igisirikare gikomeye, kuko ni ubu buryo bwonyene gishobora gukingira ubutaka bwaco”, nk’uko yabivuze mw’ijambo ryiwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 100 y’umugambwe CCP. Ku wa Mungu uheze, yarashimangiye ubu butumwa, mu kuvuga ko intumbero y’umugambwe ari “ukwubaka igisirikare gikomeye muri kino gihe gishasha”. Nk’uko abahinga babivuga, Xi yagarutse kw’ijambo “umutekano” incuro zirenga 70 mw’ijambo ryiwe, harimwo kandi no kugabisha Taiwan, igihugu Ubushinwa bufata ko ari ubutaka bwabwo. Xi kandi yarigiye mu ngorane z’Abasoviyeti ko ategerezwa kugenzura poritike n’akarangamutima vy’umugambwe n’igisirikare. Abonye ingene igihugu cari kinini gusumba ibindi vyose kw’isi ico gihe gisambaguritse, inyuma y’isenyuka ry’umugambwe w’Abakomunista, kigacikamwo ibihugu vyinshi bishasha, yarabonye ko kugira ngo Ubushinwa bugume mu bumwe, yategerezwa gutuza abantu bose batavuga rumwe, baba abo hagati mu gihugu canke hanze. Nico gituma adahesha, atari kuri  Taiwan giusa - ""Gusubiza hamwe igihugu cacu ni ngombwa kandi bitegerezwa gukorwa”, nk’uko yagabishije ku wa Mungu – canke kuri Hong Kong, ubutaka bwasubijwe Ubushiwa mu 1997 ariko Pekin igashinga itegeko rijanye n’umutekano w’igihugu mu ntumbero yo gutuza imyiyerekano y’abarondera intwaro rusangi. Ubushinwa kandi burarwanya abanyagihugu bo mu bwoko bw’aba Uyghur  hagati mu gihugu, mu kwugaranira ibihumbi n’ibihumbi vy’aba banyagihugu b’aba-Islam mu bibanza bapfungiwemwo mu ntara ya Xinjiang, itoteza, nk’uko icegeranyo c’ishirahamwe ONU kibivuga, “rishobora kuba ivyaha mpuzamakungu, cane cane ivyaha bikorewe kiremwa muntu”. Yarakomeje kandi igenzura ry’igisata c’abikorera utwabo mu myaka iheze, aho yibanze cane cane ku buhinga n’igisata c’indero kiri mu minwe y’abigenga. Nk’uko abamunegura babivuga, ikiza ca coronavirus hamwe na poritike ya “covid-zero” vyahaye icitwazo Xi na CCP co kwugarana Ubushinwa kw’isi, atari mu ntumbero yo kuzibira umugera gusa, ariko kandi n’abanyamahanga bashobora guhungabanya ubutumwa bwa gikomunista. Hagati aho, gushinga ikizwi nka "" Great Chinese Firewall "" – ubuhinga bw’ico gihugu bwo kugenzura ikirere nyabwonko (cyberspace) no kuzibira imbuga ngurukanabumenyi z’Uburengero, harimwo, Facebook, Google, Twitter na Wikipedia – bwatumye uyu mukuru w’igihugu c’Ubushinwa agenzura ihanahana ry’amakuru, kuva ku makuru acishwa mu binyamakuru vyari bimenyerewe gushika no ku makuru acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi. Ibi bizorondera kuzibira glasnost ntihave ishika mu Bushinwa, iyi ikaba ari potirike ya Gorbachev yo kwugurura imiryango yatumye igenzura ry’amakuru ryakorwa n’Abasivoyeti rihagarara, maze abanyagihugu benshi batangura kubaza ibibazo abategetsi." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cgrq1790e1mo +politics Misire ICBM ya Korea ya Ruguru yari ifise ubushobozi bwo gushika muri Amerika Na Jean Mackenzie Umunyamakuru i Seoul Korea ya Ruguru yarashe igisasu cambukiranya imigabane (missile ballistique intercontinental/intercontinental ballistic missile, ICBM), ifise ubushobozi bwo gushika ku butaka bwa Amerika, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’Ubuyapani ajejwe kwivuna abansi. Igisata c’Ubuyapani kijejwe gucungera inkengera kivuga ko ico gisasu ca misire gishobora kuba caguye mu nyanja ku birometero vyababa 210 mu burengero bw'izinga Hokkaido. Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamiriza iraswa ry’iki gisasu, mu gihe Korea y’Epfo yategetse ko hafatwa ingingo ruhasha zo kwihaniza Korea ya Ruguru. Ejo ku wa kane, umushikiranganji wa Korea ya Ruguru ajejwe imigenderanire Choe Son Hui yaragabishije ko bazokwihora “bikomeye” ku migambi ya Amerika yo kurondera gushinga imizi muri ako karere. Uwo musi nyene Korea yarekuye igisasu ca misire kiraswa ku ntera ngufi. Ibi bibaye inyuma y’inama yo ku wa Mungu hagati ya Perezida Joe Biden wa Amerika, Yoon Suk-yeol wa Korea y’Epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Fumio Kishida aho bari mu nama muri Cambodge. Umuvugizi w'inama nkuru ya Amerika ijejwe umutekano Adrienne Watson avuga ko Biden yabimenyeshejwe kandi ko Amerika izovugana n'ibihugu bigenzi vyayo. Umuhanuzi wa Amerika mu vyo umutekano avuga ko “bazokwihora bari hamwe” mu gihe Korea ya Ruguru yoramuka igerageje ikindi kirwanisho ca nikleyeri kigira indwi kimaze kuvugwa amezi atari make n’inzego zijejwe igendereza za Amerika na Korea y’Epfo. Korea ya Ruguru imaze kurekura ibisasu vya misire birenga 50 mu mezi abiri aheze, vyinshi bikaba ari ibiraswa ku ntera ngufi. Ibiraswa ku ntera ndende ntibikunze kugeragezwa, kandi bigeramiye Amerika, kubera izo misire zahinguwe ku buryo zigenda zikoreye ibisasu vy’ubumara zikazoshika aho ari ho hose ku butaka bwa Amerika. Iki gisasu cikekwa ko ari ICBM carashwe isaha zine n’iminota 15 (10:15) mu masaha ya Korea ya Ruguru, ni ukuvuga isaha cumi n’iminota 15 z’ijoro mu masaha y’Uburundi n’Urwanda, hafi y’umugwa mukuru Pyongyang, nk’uko bivugwa n’abakuru ba gisirikare ba Korea y’Epfo. Cagurutse gushika ku birometero 6.100 uja hejuru, kikaba cageze ku ntera y’ibirometero 1.000, ku muvuduko ungana n’uw’ikindi yarekuye ku wa 22 z’ukwa gatatu, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Korea y’Epfo. Umushikiranganji w’Ubuyapani ajejwe kwivuna abansi Yasukazu Hamada avuga ko iyo misire yari ifise ubushobozi bwo gushika muri Amerika kandi ko yoguruka gushika ku birometero 15.000. Kishida yabwiye abanyamakuru muri Thailand  ati: “Twabwiye (Pyongyang) ko tudashobora na gato kwihanganira ibintu nk’ibi”. Ingendo ya Korea ya Ruguru mu mezi aheze ni iyo kurasa ibisasu vya misire mu kwihora ibikorwa vya gisirikare vya Amerika mu micungararo y’ikigwa ca Korea. Iriko irahingura ubundi bwoko bwa misire iraswa kure, izwi nka Hwasong-17, ikaba ari ndende gusumba misire za ICBM imaze kugerageza muri kahise. Abahinga bemeza ko imaze kugerageza kurasa Hwasong-17 incuro zitari nke ariko bikanka, kandi ko Pyongyang itarashobora kuyitunganya neza ku buryo yoguruka gushika aho yagenewe. Mu ntango za kuno kwezi, igisasu ca ICBM carakwamiye mu nzira, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Korea y’Epfo. Mu kw’icumi, Korea ya Ruguru yararekuye igisasu ca misire kiraswa kure hejuru y’Ubuyapani,  bwari bwo bwa mbere mu myaka itanu. N’aho yafatiwe ibihano vyayimugaje, Pyongyang yaragerageje ibirwanisho vya nikleyeri incuro zitandatu hagari ya 2006 na 2017, ikaba izwi ko iriko irategura irigira indwi. Ibandanya kandi yongereza ubushobozi bwayo bwa gisirikare. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c806k5jlnlko +politics Burundi: EU yavanye ibihano ku mushikiranganji wa mbere Ndirakobuca "Ishirahamwe rya Buraya ryavanye ibihano ku barundi batatu barimwo umushikiranganji wa mbere w’Uburundi, Gervais Ndirakobuca, batazira Ndakugarika. Mu kwezi kw’icenda Ndirakubuca ni ho yagenwa kuba umushikiranganji wa mbere muri reta ya prezida Evariste Ndayishimiye. Gushika aho yari amushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi kuva prezida Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa gatandatu mu 2020. Ubutumwa bwo kuri Twitter bw’ubuserukizi bw’ishirahamwe rya Buraya mu Burundi buvuga  ko “ugukomera kw’imigenderanire UE [Union Euopeenne]-Burundi kwatumye havanwaho ingingo ya 96. Ubu UE ivanyeho ibihano vyari vyafatiwe abantu batatu ku giti cabo barimwo umushikiranganji wa mbere.” Uwundi yakuweko ibihano ni Godefroid Bizimana , intwazangabo mu giporisi ubu akora mu biro vy’umukuru w’igihugu. Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire n'amakungu, Albert Shingiro yavuze ko yashimishijwe cane n'iyo ngingo y'ishirahamwe rya Buraya. Ariko muri ubwo butumwa bwiwe bwo kuri Twitter, umushikiranganji Shingiro avuga ""abantu babiri"" n'ubwo ibihano vyakuwe ku bantu batatu. Uwundi ni Leonard Ngendakumana, yahunze igihugu inyuma y’igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi prezida Pierre Nkurunzi mu kwezi kwa gatanu mu 2015. Ubu ari mu baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi ku riuhara yoba yaragize. Shingiro avuga iyo ngingo ya Buraya yavuye mu ""biganiro...n'ugushaka guhuriweko kwo kunagura imigenderanire y'ubucuti n'ugufashanya n'ishirahamwe rya Buraya"". Ubu uwusigaye muri ivyo bihano ni Mathias Joseph Niyonzima, batazira Kazungu, wo mu biro vy’igihugu bijejwe iperereza mu Burundi. Ivyo  bihano vyarimwo kudahabwa uruhusha rwo kuja mu bihugu bigize iryo shirahamwe no gufatira amatungo yabo. Mu kwezi kwa Munyonyo (11) mu mwaka uheze, ivyo bihano vyafashwe mu 2015 vyari vyongewe ikiringo c’umwaka umwe. Ishirahamwe rya Buraya ryari ryabifatiye abo bantu ku mvo z’uruhara rwabo mu bikorwa vy’intureka, gutoteza, canke gukaburira intureka”  mu gihe c’imyiyerekano y’abagwanya ikiringo ca gatatu c’umuhisi prezida Nkurunziza canke mw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi bwiwe mu 2015. Ishirahamwe rya Buraya ryari ryarafatiye kandi ingingo zo kudaha reta y'Uburundi imfashanyo y'iterambere kuva mu 2016. Izo ngingo na zo zavanyweho mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka. Imbere y'izo ngingo, ishirahamwe rya Buraya ni ryo ryari irya mbere mu guha imfashanyo nyinshi Uburundi. Ubu rivuga ko rigiye ""kubandanya rishigikira utwigoro tw’iterambare n’impinduka Uburundi buriko burakora""." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cz91n2074n3o +politics Ukraine - Russia: Odesa na Mariupol bibandanya bicucagirwa amabombe "Misire zakoreshejwe mu gisagara ca Odesa zishobora kuba ari izo ku ntwaro y'aba Soviyeti - ariko ivyo zononye ntibiharurwa. Abategetsi b'ico gisagara bemeza ko umusi w'ejo igenekerezo rya 9 Rusama (5) Odesa yatewe misire icenda hakoreshejwe indege. Videwo yacishijwe ku mbuga hwaniro n'igisirikare ca Ukraine yerekana abasirikare bariko baca mu bihomoka vy'inyubakwa yahoze ari iy'ubucuruzi (centre commercial/shopping centre) n'iy'ububiko. Umwotsi mwinshi wakwiragiye hagati muri ico gisagara gifise kahise karekare. Ariko kubera amategeko yo kutava muhira amabarabara yagaragara igihe izo misire zaterwa isaha zine n'iminota 30 z'ijoro ryakeye. Abategetsi bavuga ko umuntu umwe yahasize ubuzima abandi batanu nabo barakomereka bakaba bajanywe mu bitaro. Ibi bitero vyabaye mu masaha y'ijoro ry'ejo ku wa mbere, umusi umukuru w'Inama y'ishirahamwe ry'abanyabulaya yari yagendeye ico gisagara. Charles Michel yavuze ko yabonye ibigega vyuzuye intete, ingano n'ibigori i Odesa birindiriye gushorwa hanze - ariko bikaba vyarazibiwe. Ubwoba bw'uko hashobora kuba ikibazo c'imfungurwa kw'isi ni ikintu cagarutsweko na Perezida Zelensky mw'ijambo ryiwe yashikirije ejo mw'ijoro. Yavuze ko ibihugu bitari bike bigeze ahatemba kubera ubukene bwimfungurwa kandi ko ibintu bishobora ""kuba, mvugishije ukuri, nabi cane"", mu gihe vyokwanka ko Ukraine ishora ivyimburwa hanze. Ibi biri uko mu gihe ibitero vy'urutavanako bibandanya mu buseruko bwa Ukraine. Haravugwa intambara zikomeye mu micungararo y'ibisagara vya Rubizhne na Bilohorivka - vyompi biri mu ntara ya Donbas. Hagati aho, umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika avuga ko mu misi mike iheze, Uburusiya ata kintu kinini bwashitseko, n'aho bwigaruriye igisagara ca Popasna kiri mu buseruko. Uyo mutegetsi abandanya avuga kandi ko igisagara ca Kharkiv kikiri mu minwe ya reta ya Ukraine. Mw'ijambo ryiwe, Perezida Zelensky yagabishije ko Uburusiya buriko ""buhonyora mu mahwa amwe"" n'ayo abigeze gutera Ukraine bahonyoyemwo, yongerako ati ""nta mwansi n'umwe yigeze ashinga imizi hano"". I Mariupol naho, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine avuga ko ingabo z'Uburusiya ziriko ""ziracucagira ibibombe"" ku ruganda rw'ivyuma rwa Azovstal, aho amajana n'amajana y'abarwanyi ba Ukraine babandanya bahanganye n'ibitero vy'Uburusiya. Petro Andriushchenko, umuhanuzi w'umukuru w'igisagara ca Mariupol avuga ko ingabo z'Uburusiya zatanguye kugota urwo ruganda inyuma y'aho amamodoka ya ONU aviriye mu karere ka Donetsk. Avuga ko Abarusiya bariko bagerageza kubomora ikiraro gikoreshwa mu guhungisha abantu, mu ntumbero yo kuzibirirayo abarwanyi babandanya barwanira urwo ruganda. Umugore w'umusirikare wa Ukraine arwanira muri urwo ruganda avuga ko yamubwiye ko ibintu bibandanya biba nabi, mu gihe amazi agenda abaherana, amajana n'amajana y'abasirikare bakomeretse nabo bakaba bakizibiriweyo. Avugana na BBC, Yuliia Feosiuk yavuze ko igihe avugana ubwa nyuma n'umugabo wiwe yamusavye ko yobaronderera ibintu ""bishobora kubongerera imisi yo kubaho ata mazi igihe kirekire gishoboka"". Yuliia Feosiuk avuga ko umugabo wiwe yamubariye ko abasirikare bababa 700 bakomeretse bakizibiwe muri urwo ruganda, kandi ko ibiziga vy'abasirikare bapfuye bikibitswe muri vya vyuma bikanyisha." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61391012 +politics Intambara ya Ukraine na Russia: Ibombe y'umwuka ni iki? "Uburusiya bwagirizwa ko butegura gukoresha ibirwanisho vy'umwuka - bizwi nka thermobarics canke vacuum bombs - mu gitero yakoze kuri Ukraine. Ibi birwanisho biteje impari kuko ni rutikiza inganda gusumba ibirwanisho bisanzwe, kandi bikagira ingaruka mbi cane ku muntu uw'ari we wese yegereye aho giturikiye. Ikibombe c'umwuka, kizwi kandi nka aerosol bomb canke fuel air explosive, gifise agasaho k'ibitoro ariko kikaba gifise ibiturika bibiri bitandukanye. Gishobora guterwa n'inkoho itera roketi canke kigaterwa n'indege nka bombe. Iyo gishitse aho carungitswe, igiturika ca mbere cugurura aka gasaho hagaca haduka uruvangatirane rw'ivyuka nk'igicu. Iki gicu gishobora kwinjira mu nyubakwa iyo ari yo yose umuntu yinyegejemwo iyo idapfunze neza. Igiturika ca kabiri rero gica gituritsa iki gicu, hagaca haduka umuriro mwinshi cane, umukuba w'umuyaga mwinshi cane n'umwuka mubi uca unywa impwemu (oxygen) iri muri ako gace kose. Iki kirwanisho gishobora gusambura amazu yose yitwa ngo yubatswe mu bikoresho bikomeye, kikica kikanakomeretsa abantu. Bikoreshwa mu ntumbero nyinshi zitandukanye, kandi bikaba bifise ubunini butandukanye - harimwo n'ibirwanisho bikoreshwa n'umuntu umwe nk'ama grenade canke zigaterwa n'inkoho zitera amarokete zitwarwa n'umuntu. Ibibombe nk'ibi binini cane bitererwa mu kirere na vyo vyarahinguwe, cane cane mu ntumbero yo kwica abarwanyi baba binyegeje mu masenga no mu myobo igoye gushikamwo - ingaruka z'iki kirwanisho zikaba ari zo za mbere mbi cane mu bibanza vyugaye. Mu 2007, Uburusiya bwaragerageje ikibombe kinini cabwo co muri ubu bwoko, iciswe ""Father of all bombs"" (se w'amabombe yose). Casohoye ibiturika bingana n'itoni 44 z'ibombe isanzwe - gica kiboneka ko ari co kibombe ca mbere kinini kw'isi atari ica nikleyeri. Kubera ingaruka yaco, n'ingene gituza umwansi yinyegeje mu mazu canke mu myobo, ibibombe vy'umwuka bikunze gukoreshwa cane cane mu bisagara. Iki ni ikintu gikomeye uravye ingene ibintu bimeze ku rubuga muri Ukraine, aho ingabo z'Uburusiya ziriko ziragerageza kwigarurira umugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, hamwe n'ibindi bisagara bikuru bikuru mu buseruko bw'igihugu. Oksana Markarova, aserukira Ukraine muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yagiriza Uburusiya ko bukoresha amabombe y'umwuka mu gitero cabwo kuri iki gihugu. Hagati aho, ibi ntibiremezwa ku mugaragaro. Mu misi iheze, hari amakuru yavuga ko habonetse inkoho zitera amaroketi y'umwuka muri Ukraine. Nta mategeko mpuzamakungu yihariye abuza ikoreshwa ry'ubu bwoko bw'ibirwanisho, ariko iyo igihugu kibikoresheje mu gutera ibibanza birimwo inyubakwa za gisivire nk'amashure canke ibitaro, gishobora kwagirizwa ivyaha vyo mu ntambara nk'uko bitegekanijwe n'amasezerano y'i La Haye/The Hague yo mu 1899 na 1907. Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha Karim Khan avuga ko sentare yiwe izokora amatohoza ku bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine. Ibirwanisho vy'umwuka bishobora kuba vyatanguye gukoreshwa mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose, aho vyakoreshejwe ubwa mbere n'igisirikare c'Ubudagi. Ntivyatejwe imbere cane imbere y'imyaka ya 1960, aho Amerika yabikoresha muri Vietnam. Amerika yarabikoresheje kandi mu 2001 mu kugerageza gusambura abarwanyi ba al-Qaeda bari binyegeje mu myobo yo mu misozi ya Tora Bora muri Afghanistan. Uburusiya bwarabikoresheje mu ntambara yabwo muri Chechnya mu 1999. Ibi birwanisho vy'umwuka vyahinguriwe mu Burusiya biravugwa kandi ko vyakoreshejwe mu ntambara yo mu gihugu ca Syria n'ubutegetsi bwa Bashar al-Assad." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60585735 +politics Burundi-ONU: Uwujejwe agateka ka zina muntu 'ashizweho ku gahato'. "Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire avuga ko reta y'ico gihugu itazokwakira intumwa ya ONU ijejwe gutanga raporo y'ingene agateka ka zina muntu kifashe muri ico gihugu. Albert Shingiro yabivugiye mu mubonano n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuri uyu wa i Bujumbura kuru uyu wa kane. Urwego rw'intumwa ya ONU yo gutanga raporo z'agateka ka zina muntu rwashizweho mu kwezi kw'icenda kugira rusubirire umugwi udasanzwe wari umaze imyaka itanu ukora amatohoza ku mabi y'ikirenga yakozwe mu Burundi kuva mu 2015. Uwo mugwi wari urungowe na Doudou Diene nawo nyene wamaze iyo myaka yose ata n'umwe mu bawugize ahonyoje ikirenge mu Burundi. Mu kiganiro n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umushikiranganji w'ico gihugu ajejwe imigenderanire Albert Shingiro yababwiye ko iyo ntumwa yagiyeho ku gahato k'ibihugu bimwe bimwe. Umusjhikiranganji Shingiro yagize ati: ''Sinibaza ko bizoshoboka ko iyo ntumwa igendera Uburundi. Kuko ingene yashizweho vyaciye mu gahato"". Yishura ku kibazo cari kibajijwe n'uwuhagarariye Ubuholandi mu Burundi, umushikiranganji Shingiro yavuze ko urwego rw'iyo ntumwa rwashizweho ''n'ubwo umugwi wa Afrika wari wavyanse"". Yongeyeko ati : ''Ibihugu bimwe bimwe vyarakoresheje agahato kugira urwego rw'iyo ntumwa rushirweho''. Iyo ntumwa igiye kuba nk'umurwi wo gutohoza ku gateka ka zina muntu yari ije gusubirira. Mu myaka itanu wamaze, reta y'Uburundi ntiyigeze yemera ko hari uwuwugize ahonyoza ikirenge mu Burundi. Mbere bamwe muri bo reta y'Uburundi yatangaje ko ari ''persona non grata"", n'ukuvuga abantu badashobora guhabwa ikaze mu Burundi. Ariko bagumye bashikiriza ivyegeranyo buri mwaka. Icanyuma bagitanze mu kwezi kw'icenda, bavuga ko hari ibimaze guhinduka mu nzira nziza kuva umukuru w'igihugu mushasha , Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu 2020 ariko ko ''inzira ikiri ndende"". Uwo mugwi wavuze ko hari amabi akibandanya gukorwa arimwo ubwicanyi, ukuburwa irengero n'ukutemerera abantu gushikiriza ivyiyumviro mu bwisanzure na cane cane abatavuga rumwe na reta. Havugwa kandi ukudahana abagirizwa gukora ayo mabi. Ivyo vyegeranyo reta y'Uburundi yagumye ivyiyamiriza ivuga ko ari ''ibinyoma"" kandi bifise ''intumbero ya poritike"". Ibiro vy'urwego rwa ONU rushinzwe agateka ka zina muntu mu Burundi navyo reta yaravyugaje burundu mu 2019. Ibiro vy'intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU navyo vyugaye mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka. Ariko , umushikitranganji Albert Shingiro yabwiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ko reta yiwe iguma ''yuguruye imiryango yo gufashanya no kuganira n'icicaro gikuru ca Geneve hamwe n'ishami ryaco riri i Younde.""" https://www.bbc.com/gahuza/59608889 +politics Abanye Ethiopia bavuga igituma bashaka kuja muri Russia Ababoneka batonze imirongo imbere y’ubuserukizi bwa Russia muri Ethiopia, bavuga ko bashaka kuja kurwana muri Ukraine, cane cane kuko ubuzima bugoye mu gihugu. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61214129 +politics Russia: aba nye Syria baja imbere mu bitero bemererwa $ 7 000 Mu bitero vya Russia muri Ukraine vyavuyemwo intambara, abacangero bahabwa $3 500, bari inyuma mu bitero. Aba nye Syria batorwa nk’uko vyagenze muri Libya. Kui ari benshi biyandikisha? https://www.bbc.com/gahuza/60946420 +politics Ethiopia: Igisirikare kivuga ko cisha ibihumbi vy'inyeshamba za TPLF muri Tigray "Igisirikare ca Ethiopia kivuga ko cishe inyeshamba zirenga 5600 zirwanira mu ntara ya Tigray mu buraruko bw'igihugu. Kuva mu kwa cumi na rimwe umwaka uheze, intambara zirabica bigacika, ariko itangazo ry'intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru Jenerali Bacha Debele ntiyerekana igihe izo nyeshamba zishwe. Abanyamakuru bavuga ko zishobora kuba ari izaguye mu ntambara ziheruka. Uyu mu jenerali avuga ko izindi nyeshamba 2300 zakomeretse, izindi 2000 nazo zirafatwa. Abasivire baharurwa mu mamiriyoni bahanganye na kigoyi giturutse kuri iyo ntambara, nk'uko ishirahamwe ONU ribivuga. Liyetena Jenerali (Lt Gen) Debele yagiriza umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF) kugerageza gusambura Ethiopia, inyuma y'aho inyeshamba zawo zinjiriye mu ntara za Amhara na Afar zihana imbibe na Tigray. Avuga ko umurwi umwe w'abarwanyi ba TPLF wagerageje kwigarurira akarere ka Humera kari ku rubibe rugabura Tigray na Amhara, ariko ko ""bakubiswe bikomeye"". TPLF ntaco iravuga kuri ibibivugwa n'iyi ntwazangabo. Iyi ntambara yatanguye mu mwaka uheze inyuma y'icuka kibi cari kimaze amezi atari make hagati ya reta y'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed n'abategetsi ba TPLF, umugambwe mukuru mu ntara ya Tigray. Umushikiranganji wa mbere yahavuye arungika ingabo muri Tigray kugira ngo zirukane reta y'iyo ntara, inyuma y'uko TPLF yagirijwe ibitero bitari bike ku makambi y'igisirikare c'igihugu. Iyi ntambara ivugwa ko imaze guhitana ibihumbi vy'abanyagihugu, mu gihe abaharurwa mu mamiriyoni nabo bateshejwe izabo, bamwe muri bo bakaba bahungiye muri Sudani. Impande zompi ziragirizwa amabi, harimwo ugufata abagore ku nguvu n'ubwicanyi bw'abasivire mu kivunga. Na Kalkidan Yibeltal, umunyamakuru wa BBC muri Ethiopia Ibi biharuro bitangwa n'igisirikare ni binini cane kandi ntivyoroshe kubihinyuza. Ariko ikizwi ni kimwe. Iyi ntambara imaze amezi cumi iracatikiza inganda kandi ikanagira inkurikizi mbi. Muri iri jambo yashikirije ejo ku wa gatandatu, Lt Gen Bacha, avuga ko habaye intambara zikomeye cane akavuga ko hifashishijwe ibitero vy'indege, ariko ntavuge igihe zabereye. Inyuma y'aho abarwanyi ba TPLF bigaruriye Tigray giturumbuka mu kwa gatandatu, barashoboye gushika no mu ntara za Amhara na Afar zihana imbibe na yo, ivyerekana ko intambara yatera ikwira mu gihugu. Mu ndwi zibiri ziheze, igisirikare n'imirwi igishigikiye basa b'abahagaritse ingabo za Tigray mbere bazisubiza inyuma, banigarurira uturere tumwe tumwe dukomeye. Ariko, uturere dukomeye two mu ntara za Afar na Amhara, harimwo igisagara ca Lalibela kirimwo amasengero yo muri kahise ari mu murage wa Unesco, turacari mu minwe ya TPLF. Ku wa gatanu, ONU yaragirije reta kuzibira imfashanyo zategerezwa kuja muri Tigray, inagabisha ko ibi bibangamiye ubuzima bw'amamiriyoni y'abantu. ONU yibaza ko abantu bangana n'imiriyoni 5.2 bakeneye imfashanyo yihuta, atari ivyo naho bahure na ""kigoyi ca mbere gikomeye kw'isi inyuma y'imyaka mirongo"". Ariko ejo ku wa gatandatu, reta ya Ethiopia yavuze ko amakamyo 500 yuzuye imfashanyo aherutse kwinjira muri iyo ntara, harimwo 152 mu misi ibiri iheze. Ivuga kandi ko n'igitigiri c'amabariyeri caragabanutse. Aya makuru ntarashobora guhinyuzwa n'abigenga. Ishirahamwe ONU ryari rimaze igihe ryidoga ko kuva ku wa 22 ata kamyo n'imwe yari bwigere ishika muri Tigray, mu gihe hari hakenewe 100 buri musi." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58452629 +politics France: 'Gufungwa imyaka itatu' kuri Mpozagara yari umushikiranganji mu Burundi "Gabriel Mpozagara yari umushikiranganji w'ubutungane ku butegetsi bwa Micombero hamwe n'umugore wiwe bari imbere y'ubucamanza i Paris ku birego birimwo ""kugira urudandaza rw'abantu"". Bwana Mpozagara n'umugore wiwe bagirizwa kandi ""gukoresha abantu mu kinyegero"", gukoresha umuntu adafise ivya ngombwa"", no ""ugukingira ikibaba umuntu abaye mu gihugu bidaciye mu mategeko"". Uwo muryango kandi wagirizwa ko wakoresheje umuntu nk'umuja mu kiringo c'imyaka cumi. Abaregwa ariko bahakana ivyo bagirizwa. Ubushikirizamanza bubasabira gupfungwa imyaka itatu. Ari imbere y'abacamanza, Méthode Sindayigaya, umurundi w'imyaka 39, yaravuze ivyamubayeko. Igihe yava i Bujumbura mu 2008, yari azi ko agiye kurera umwana w'uwo muryango yari amugaye, waba mu karere ka Ville-d'Avray i Paris. Méthode Sindayigaya avuga ko Gabriel Mpozagara n'umugore wiwe bari bamwemereye akazi k'amezi atatu, bakaba bari banamurihiye itike y'indege n'uruhusha rw'ukuba muri ico gihugu (visa). Avuga ko igitabu ciwe c'inzira bakimwatse, baca bamukoresha nk'umuja mu rikingo c'imyaka 10 kandi bakaba batigeze banamuha agahembo kiwe. Méthode Sindayigaya ati: ""Bankoresheje nk'igikoresho, banyaka uburenganzira bwanje, baranyugaranira iwabo. Nakora iminsi indwi ku ndwi, ntanaruhuka. Naba mu nzu yo mu kuzimu, ahantu hakanye cane. Bangize umuja wabo. Ndibaza ko ubutungane buzontunganiriza"". Uyo mugabo avuga ko yagiye kurekurwa mu kwezi kw'indwi umwaka uheze wa 2018, igihe umuntu yakora mw'ishirahamwe ry'ubwubatsi yari aje ku kazi yabwira igipolisi ko hari umuntu asa n'uwakubaguwe yari aryamye ku gatanda kabi mu nzu yo mu kuzimu. Imbere y'abacamanza, Gabriel Mpozagara n'umugore wiwe barahakanye bivuye inyuma ivyo wagirizwa. Bwana Mpozagara yavuze ko Méthode Sindayigaya yari afise uburenganzira bwo gutembera, ko atigeze yakwa igitabu ciwe c'inzira, ko ahubwo ari we atashaka kuva i muhira. Sibwo bwa mbere uyo muryango wa Mpozagara - yigeze kuba umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, umushikiranganji w'ubutungane hanyuma umushikiranganji w'ubutunzi mu myaka ya 1960 no mu myaka ya 1970 - yagirizwa ivyaha bisa n'ivyo. Mu mwaka wa 2007, wari warengukishijwe imbere y'ubucamanza mu Bufaransa, uracibwa urubanza ariko urunguruza, mu rubanza rwari rwerekeye abishwa babo babiri bari bavuye i Burundi. Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko uwo muryango ushobora gupfungwa imyaka itatu ukanatanda n'amande y'ibihumbi 150 vy'ama euro. Sentare izosoma urubanza ku wa 21 z'ukwezi kuza kw'icumi." https://www.bbc.com/gahuza/49645789 +politics Perezida Zelensky wa Ukraine ari mu nzira aja muri Amerika Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine  avuga ko ari mu nzira aja  i Washington kuri uyu wa gatatu, aho aza kubonana na Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni rwo urugendo  rwiwe rwa mbere agize hanze y’igihugu kuva igitero c’Uburusiya gitanguye mu kwa kabiri. Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) iremeza uru rugendo, ikavuga kandi ko izoha Ukraine misire zo mu bwoko bwa Patriot, zizokwongerereza  cane iki gihugu ubushobozi bwo gukingira ikirere. Zelensky kandi ategekanya gushikiriza ijambo inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye yongere agire n’amanama atari make. Yanditse kuri Twitter ati: “Ndi mu nzira nja muri Amerika mu ntumbero yo gukomeza ubushobozi bwa Ukraine bwo kwihagararako no kwivyukiranya, hamwe no kwivuna abansi”. Perezida Zelensky arakunze kwakira abategetsi mvamakungu ku mugwa mukuru Kyiv, kandi abandanya agendera ingabo ziri ku rugamba muri Ukraine. Perezida Zelensky arakunze kandi kuvugana n’abategetsi b’isi kuri terefone no ku buhinga bwa videwo – akenshi ari mu biro iwe i Kyiv. Ariko urugendo rutamenyeshejwe mu gihugu co hanze rubaye urwa mbere kuva intambara itanguye, kandi rukerekana akamaro k’imigenderanire ya Ukraine na Amerika isanzwe iri kw’isonga mu gutanga imfashanyo ya gisirikare. Mu kiganiro n’abanyamakuru imbere y’urugendo rwa Zelensky, Maison Blanche yemeje iyindi mfashanyo mu rwego rw’umutekano ifise agaciro k’imiriyaridi zababa zibiri z’amadorari y’abanyamerika. Muri yo harimwo misire zo mu bwoko bwa Patriot, zizofasha Ukraine gukingira ibibanza nyamukuru ibitero vy’Uburusiya. Abategetsi bamaze igihe basaba Uburengero ibirwanisho bigezweho vyo gukingira ikirere. Uburusiya bumaze igihe butera ibigo vy’amasoko ntanganguvu, ivyatumye amamiriyoni y’abanyagihugu bisanga mu kizime muri kino gihe c’ubukonje burenze urugero. Maison Blanche ivuga ko izokwigisha ingabo za Ukraine ingene bakoresha izi misire za Patriot, kandi ko “bizofata igihe kanaka”. Hari ibikorwa biriko birabandanya muri kino gihe muri Amerika vyo gusaba ko hemezwa integuro y’itegeko ryoha Ukraine imiriyaridi zirenga 40 z’amadorari y’abanyamerika nk’imfashanyo y’inyongera  imbere y’umwaka wa 2023. Ku bijanye n’amafaranga akoreshwa muri rusangi mu mfashanyo ya gisirikare kuva intambara itanguye, Amerika imaze gutanga imiriyaridi 18,5 z’amadorari y’abanyamerika, imfashanyo isumba kure cane iyitangwa n’ikindi gihugu ico ari co cose. Perezida Zelensky asaba ayandi mafaranga, akavuga ko ku kwezi Ukraine ikoresha hafi imiriyaridi zitanu z’amadorari mu vya gisirikare. Akoze uru rugendo inyuma y’umusi umwe agize urugendo rutamenyeshejwe mu gisagara kiri mu ntambara ca Bakhmut, aho ingabo za Ukraine n’iz’Uburusiya zimaze amezi atari make mu ntambara zikomeye. Ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko yabonanye n’ingabo yongera atanga n’udushirukabute ku basirikare. Uru rugendo rwari intambwe ikomeye yo kwerekana ko adatinya urukamvye – be no kwerekana ko afashe mu mugongo ingabo za Ukraine zihanganye n’umwansi muri zimwe mu ntambara zikomeye cane muri zino ndwi za vuba. Abasirikare bahaye Zelensky ibendera rya Ukraine ririko amazina yabo bamusaba ko yorishikiriza Perezida Biden n’inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika, nk’uko vyabonetse muri kamera (camera). Kuri uwo musi nyene, ari muri Kremlin, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yahaye ibidari abasirikare bagize uruhara mu gitero c’Uburusia kuri Ukraine. Kuva Uburusiya buteye Ukraine ku wa 24 Ruhuhumua (2), igisirikare ca Amerika kivuga ko n’imiburiburi abasirikare 100.000 ba Ukraine hamwe na 100.000 b’Uburusiya bamaze kwicwa canke gukomereka, hamwe n’abasivire 40.000 bishwe. Ishirahamwe ONU rimaze guharura impunzi z’abanya-Ukraine imiriyoni 7,8 bahungiye ku mugabane wa Bulaya, harimwo n’Uburusiya. Hagati aho, ivyo biharuro ntibirimwo abateshejwe izabo ariko bakaguma muri Ukraine. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c3gxgm2k1m0o +politics AC-Génocide ivuga ko kuvuga ko habaye jenoside y'Abahutu mu Burundi ari 'ikinyoma' "Umurwi ujejwe gutohoza ukuri ku mabi yakozwe mu Burundi kuva ku gihe c'ubukoroni (CVR) uremeza ko abahutu bo mu Burundi bakorewe ubwicanyi bw'ihonyabwoko (genocide) mu 1972 no mu 1973. Vyashikirijwe inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoraniye hamwe mu ngoro ya Kigobe i Bujumbura ejo ku wa mbere. Umukuru w'uwo murwi, Pierre Claver Ndayicariye yashikirije icegeranyo cerekana ido n'ido ry'ingene Abahutu na cane cane abize n'abari bafise ubuzima bwiza, bahizwe, bagafatwa bakicwa mu buryo bw'agashinyaguro kandi buteye ubwoba mu gihugu cose kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane mu 1972 kubandanya no mu 1793. Ndayicariye yavuze ko uwuza kw'isonga muri ako kabi ari uwari umukuru w'igihugu ico gihe Capitaine Michel Micombero. Hagati aho, ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko mu Burundi, AC-Génocide ririyamiriza iki cegeranyo ca CVR, rikavuga ko ari ikinyoma. Umurwi CVR wavuze ko washitse kuri iyo nyito umaze kwihweza amakuru umaze kwegerenya ku bwicanyi bwakozwe ico gihe, ivyaha vyakozwe hamwe n'amategeko avuga ingene bikwiye kwitwa. Pierre Claver Ndayicariye yabwiye abashingamateka n'abakenguzamateka ko umugwi CVR umaze kwugurura ibishobora kuba ari ibinogo rusangi 679, ukaba umaze guharura ibisigarira vy'abantu babihambwemwo bashika 19.897, uretse ko ''hari amagufa yamaze gucika ifu n'abishwe bagatabwa mu nzuzi"". Umukuru w'uwo mugwi yavuze ko kimwe mu bimenyetso ko bwari ubwicanyi bwateguwe ari uko ''ibinogo birebire"" vyahambwemwo abantu ikivunga ''vyari vyarimbwe imbere y'igihe mu 1970 no mu 1971."" Emmanuel Nkurunziza arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko, AC-Genocide wewe siko abibona, akavuga ko ata cizere afitiye umurwi CRV. Wewe yemeza ko ubwicanyi bwakorewe Abahutu mu Burundi ari ubwakozwe na reta yariko ihasha abari bateguye gutikiza ubwoko bw'Abatutsi. Ati: ""Icabaye ico gihe iriko ihasha abo bicanyi bagomba guhonya ubwoko bw'abatutsi yakoze ubwicanyi nayo kuri ubu ikajaniranya n'abataco bazira kandi abantu bagapfa ku bwinshi"". Avuga ko kubona CVR itakoranye n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk'uko vyumvikanyweko mu masezerano y'amahoro y'i Arusha mu 2000 ari ukuvuga y'uko ""bategura ivyabo atawubagiriza"". Umviriza ingene Emmanuel Nkurunziza avuga: Nico kibazo BBC yabajije umuhinga mu vyo amategeko Ernest Sagaga, akavuga ko mu bisanzwe ONU yemera ivyemejwe n'inzego iba yarashizeyo yo nyene. Avuga ko kugira yemere ko habaye jenoside, bitegerezwa kwemezwa n'urwego rw'ubucamanza yo nyene yashizeho. Hagati aho avuga ko icaha ca jenoside gishobora kwemerwa mu gihe inzego zitandukanye z'ibihugu, nk'akarorero inama nshingamateka canke ama reta ubwayo, ariko bikaba ata nkurikizi bizogira mu butungane. Umviriza ingene avuga: Hamaze imyaka hari impari zo kumenya inyito y'ubwicanyi bwo mu 1972 mu gihe hari abavuga ko mu ntango ryari ihonyabwoko ry'abatutsi hanyuma rigakurikirwa n'iyicwa ry'abahutu n'inzego za reta y'ico gihe. Umugwi CVR uremeza ko imbere y'uko abahutu bicwa mu gihugu hari abatutsi babanje kwicwa na cane cane mu ntara z'ubumanuko bw'Uburundi. Umukuru w'umugwi CVR yavuze ko abokoze ayo mabi botangura gutegura imitima yabo kugira basabe imbabazi, abayakorewe nabo bagategura iyabo kugira bazitange. Yavuze kandi ko hakwiye kuzoca haba amatohoza yimbitse kugirango harabwe ko abatwawe ibintu bishoboka ko bobisubizwa. Umugwi CVR uvuga kandi ko na reta ikwiye gusaba ikigongwe kuko mu bakoze ayo mabi na cane cane harimwo inzego za reta. Uwo mugwi uvuga kandi ko hakwiye gushingwa umunsi w'icese wo kwibuka iryo honyabwoko ryakorewe abahutu mu 1972 no mu 1973. Amatohoza ya CVR arabandanya ku yandi mabi arimwo ubwicanyi yabaye mu Burundi harimwo ubwo mu 1988 no mu 1993. Ikiringo co gutohozako kiva ku ntwaro ya gikoroni mu mpera z'ikinjana ca 19 gushika mu 2008." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59726269 +politics Ndayizeye Domitien: 'Mu Burundi hari imigambwe myinshi itari ngombwa' Uwahoze atwara u Burundi Ndayizeye Domitien, nyuma yo kugenwa n'urunani Kira-Burundi ngo azoruserukire mu matora y'umukuru wigihugu, yabwiye BBC ko hari imigambwe myinshi itari ngombwa. Bwana Ndayizeye yatwaye u Burundi mu kiringo ca kabiri c'ubutegetsi mfatakibanza nyuma y'amasezerano ya Arusha yo mu 2000, yavuze ko ku burungozi bwiwe yaranguye ivyo yategerezwa gukora vyose. Avuga ko yashoboye kwumvikana n'ibanki y'isi ikadohorera u Burundi ideni bwari buyifitiye, anatunganya amatora y'umukuru w'igihugu atagiyemwo anashikiriza ubutegetsi uwayatsinze. Uyu ashaka kugaruka ku butegetsi yabwiye BBC ko hari imigambwe myinshi itari ikwiye kubaho ngo kuko vyogira akamaro gusumvya ihurije inguvu hamwe ikagira ikintu kimwe gikomeye. Ndayizeye Domitien mu matora yo mu 2010 yari yagenywe n'umugambwe Sahwanya Frodebu ngo azowuserukire, ariko ayikuramwo avuga ko uburyo yateguwe bwarimwo amanyanga. Abaye umukandida yiyongeye ku bandi barenga 15 bashaka guhiganirwa kuba umukuru w'igihugu c'u Burundi mu matora yitezwe mu kwezi kwa gatanu 2020. Bwana Domitien Ndayizeye yavuganye na Jacques Niyitegeka mu kiganiro ushobora kwumva aho hejuru. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51710168 +politics Coup d’Etat Burkina Faso: uwabogojwe avugwa ko ariko ategura igitero co kwihora "Uwitangaje ko ari we mukuru w’igihugu wa Burkina Faso avuga ko uwo yabogoje, haciye imisi ibiri ubu, ariko arategura kwivuna. Col Ibrahim Traoré yagiriza kandi igisirikare c’Ubufaransa ko ari co kinyegeje Lt Col Paul-Henri Damiba muri kimwe mu birindiro vyabwo – ariko Ubufaransa burahakana ko ata ruhara bubifisemwo. Inkoho zarumvikanye ku mugwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou nijoro ku wa gatandatu, za kajugujugu zikaba zazunguruka ikirere c’iki gisagara. Abari mu myiyerekano barakije umucanwa hanze y’ubuserukizi bw’Ubufaransa – igitero Paris yiyamirije “yivuye inyuma”. Ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe imigenderanire bwabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko umutekano w’abantu babwo ari co kiza imbere ya vyose, kandi ko buguruje ikigo c’ubutabazi i Ouagadougou. Imbere y’aha, ababibonye bavuga ko ingabo zugaye amabarabara mu micungararo y’igisagara kandi ko n’amaduka yari yuguruye yaciye yugarwa mu nyuma. Mu gisagara kigira kabiri c’iki gihugu, Bobo-Dioulasso, hari amakuru avuga ko umwugariro w’ikigo c’Ubufaransa (Institut Francais) waturiwe n’abari mu myiyerekano. Itembagazwa ry’ubutegetsi ku wa gatanu ryatangajwe ku mboneshakure y’igihugu, bukaba bwari ubugize kabiri igisirikare c’iki gihugu gifata ubutegetsi. Muri ibi bihe vyompi, abatembagaza ubutegetsi bavuga ko babikora kubera umutekano w’igihugu uba ugeramiwe. Burkina Faso igenzura ibice biri msi ya 60% vy’ubutaka bwayo, nk’uko abahinga babivuga, kandi ko inyeshamba zirwanya reta zakomeje umurego. Kuva mu 2020 abantu barenga umuriyoni barataye izabo kubera indyane. Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika risaba ko ubutegetsi bushingiye kw’ibwirizwashingiro busubizwa ijambo bitarenze mu kw’indwi 2023, rikaba ryemeranya n’ishirahamwe ry’akarere CEDEAO/ECOWAS ko gutembagaza ubutegetsi bwa Lt Col Damiba biteye ""kubiri n’ibwirizwashingiro"". Imbere y’aha, CEDEAO yari yatangaje ko “bitabereye” ko aba basirikare bagumutse bafata ubutegetsi mu gihe igihugu cariko gikora ibishoboka vyose kugira ngo ubutegetsi busubire mu minwe y’abasivire. Uwundi yiyamirije iri tembagazwa ry’ubutegetsi ni António Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ku ncuro ya kabiri mu masaha 24 gusa, abateguye iri tembagazwa ry’ubutegetsi basohoye irindi tangazo ku mboneshakure y’igihugu riteweko igikumu n’umukuru wabo Col Ibrahim Traoré. Muri ryo bavuga ko Lt Damiba yariko ategura igitero co kwivuna kubera bobo bipfuza gukorana n’izindi ncuti mu kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam. Iri tangazo ntiryerekana izi ncuti zindi, ariko abaharanira uburenganzira bwa muntu bavuga ko ingabo zo mu gihugu kibanyi ca Mali zikorana numurwi w’abacangero b’Abarusiya uzwi nka Wagner, n’aho ibi bihugu vyompi bibhakana. Ku mugoroba wo ku wa gatanu, ahagatiwe n’abasirikare bari bigumuye kandi bambaye ibitambara vyirabura bibafuka mu maso, intwazangabo yasomye itangazo ku mboneshakure y’igihugu avuga ko birukanye Lt Damiba, bagatembagaza reta kandi bagahagarika n’ibwirizwashingiro. Iri tangazo kandi ryasomwe kw’izina ry’intwazangabo ya gisirikare yitwa Col Traoré, avuga ko biyamiriza ukunanirwa kwa Lt Col Damiba guhangana n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam. Ati: ""Abanyagihugu bacu bari mu mahano atagira izina, kandi babandanya bababara”. Nta vyinshi bizwi kuri Col Traoré, intwazangabo ya gisirikare y’imyaka 34 yarongoye urugamba rwo kurwanya umurwi w’abarwanyi biyitirira idini rya Islam uzwi nka Cobra. Itagazo ryiwe ryo ku wa gatanu ryamutangaje nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza wa Burkina Faso." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cnljl122kneo +politics Prezida Ndayishimiye aranegura abaja gukora mu mahanga ivyo banse gukora iwabo "Mu kiganiro yatanze kuri radio Kazoza FM ikorera mu Burundi kuri uyu wa gatanu, prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ashigikiye urwaruka ruja kurondera imitahe hanze kugira rugaruke kurangurira imigambi mu Burundi. Ivyo umukuru w'igihugu yabivuze ariko arishura ku kibazo c'abamaze imisi baja mu gihugu ca Serbia. Benshi mu baja kurondera ubuzima mu mahanga ni urwaruka ruri muri y'imyaka 35. Prezida Evariste Ndayishimiye agira ati:""Ndateye intege abagenda kurondera imitahe hanyuma bakagaruka gukorera mu Burundi, ariko ndanebagura abagenda gukora ubuzi banse gukora mu gihugu cabo."" Kuri ico kibazo nyene, prezida ndayishimiye abandanya avuga ko amahera abaja muri Serbia bakoresha, boshobora kuyakoresha mu gukora imigambi mu gihugu. Mu kiganiro ca ""Be your own Boss"" ca Kazoza FM, umukuru w'igihugu yari yatumiwe kuyaga n'urwaruka ku migambi y'iterambere bashobora gukora n'inzitizi bagenda baragira. Prezida ndayishimiye yavuze ko Uburundi buriko burategura imigambi y'iterambere yo gushika mu mwaka wa 2040. Agira ati:""Turiko turategura imigambi y'iterambere yo gushika mu 2040. Umutahe turawufise. ""Tubasavye (urwaruka) kudufasha kuko iyo migambi ni rwanyu. Hageze ico gihe, urwaruka muzoza murucira imigani muti 'ntimubone ngo mumerewe neza igihe twatangura ntivyari vyoroshe'"". Yateye akamo abantu bafise amikoro make, kwubahuka kugira imigambi mito mito ibinjiriza amahera kugira basahirize imiryango yabo, gutyo bagire uruhara mw'iterambere ry'ubutunzi. Rusansuma ruheruka mu 2008 mu Burundi rwerekanye ko urwaruka rufise imyaka iri musi ya 35 rushika ku 66%. Ubu biharuro biva mu mashirahamwe atandukanye mpuzamakungu vyerekana ko urwaruka rugeze ku bice 72%. Muri rusansuma rw'ibishomeri rwabaye mu 2020, vyagaragaye ko mu Burundi hari urwaruka rwize rushomereye rushika ku 400.000. Aho ni mu gihe reta ikoresha abantu batarenga 120.000 gusa. Mu ntumbero yo kugwanya ubushomeri, reta yarashizeho umugambi wo gufasha urwaruka kwitunganiriza imigambi no kubaronsa akazi witwa PAEEJ (Programme d’autonomisation économique et d’emploi des jeunes)" https://www.bbc.com/gahuza/articles/cevgyvrre02o +politics Intambwe Ukraine iriko iratera zizohava zigira ingaruka kuri Putin? "Na Steve Rosenberg Umwanditsi mukuru mu kirusiya, i Moscou Ni ibisanzwe ko wama wumva, mu kiganiro nyamukuru co kuri buri ndwi cerekeye amakuru ku mboneshakure y’Uburusiya, ivyo Kremlin imaze gushikako. Ariko ikiganiro co ku wa Mungu catanguriye ku makuru adakunze gutangazwa, aho reta yemera ko ibintu bitameze neza. Aboneka mu maso ko atamerewe neza, umunyamakuru Dmitry Kiselev yavuze ati: ""Ku rubuga rw’intambara mu gikorwa kidasanzwe [muri Ukraine], iyi niyo yabaye indwi ya mbere itoroshe gushika ubu”. ""Ntivyari vyoroshe na gato cane cane ku rugamba rwa Kharkiv, aho inyuma, y’igitero c’umwansi yari yadusumbije inguvu, ingabo (z’Uburusiya) vyabaye ngombwa ko ziva mu bisagara zari zabohoje”. Mu kibanza ca ""zabohoje"", fata ko ari ""zigaruriye"". Moscou yari yigaruriye utwo turere mu mezi aheze, ariko inyuma y’ibitero vyo kwivuna vyaje nk’umuravyo vyakozwe n’ingabo za Ukraine, igisirikare c’Uburusiya catakaje ubutaka butari buto mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine. Hagati aho, gushika ubwo, ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya bibandanya vyerekana ubutwari bw’ingabo zabwo. Ivyabaye mu ntara ya Kharkiv ntibifatwa nk’uguhunga. Ikinyamakuru ca reta, Rossiyskaya Gazeta, candika kiti: ""Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya burahakana ibihuha bivuga ko ingabo z’Uburusiya zahunze mu buryo buteye isoni, uturere twa Balakliya, Kupiansk na Izyum. Ntibahunze. Iyi yari integuro yari isanzwe ihari yo kwiyubaka”. Mu kinyamakuru Moskovsky Komsomolets, umuhinga mu vya gisirikare wewe abibona ukundi: ""Biramaze kugaragara ko twafashe umwansi minenerwe. [Ingabo z’Uburusiya] zarakweze ibirenge mu gufata ingingo ari naho havuye ugutsindwa…Inkurikizi yavyo ni uko twatsinzwe hanyuma tukagerageza kuraba ko tutotakaza vyinshi mu gukurayo ingabo zacu kugira ngo ntizihave zugaranwa”. Uku ""gutsindwa"" kwateye uburakari abakoresha imbuga hwaniro zegamiye reta hamwe n’imbuga ngurukanabumenyi zitanga amakuru yo “gukundisha igihugu”, aho bagiriza igisirikare ko cakoze amakosa. Eka n’umutegetsi akomeye wa Tchétchénie /Chechnya, Ramzan Kadyrov, niko abibona. Kadyrov agabisha ati: ""Mu gihe uno musi canke ejo ata cohinduka, bizoba ngombwa ko mvugana n’abarongoye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi be n’ubutegetsi bw’igihugu kugira ngo ndabasigurire ingene ibintu bimeze ku rubuga. Ni ibintu dutegerezwa gukurikiranira hagufi. Ni ibintu bitangaje”. Haraciye amezi arenga atandatu Vladimir Putin agomoreye ingabo kuri Ukraine. Mu misi yakurikiye, umuntu yokwibuka ingene abanyaporitike b’Uburusiya, abanyamakuru n’abihweza ibintu n’ibindi ku mboneshakure bavuga ko ico Kremlin yita “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” cari kurangira mu misi mike cane; ko abanyagihugu ba Ukraine bari kwakiriza yompi ingabo z’Uburusiya nk’abaje kubabohora, kandi ko reta ya Ukraine yari gutembagara mu kanya isase. Siko vyagenze. Ahubwo, mu kiringo kirenga amezi atandatu, igisirikare c’Uburusiya kigenda gitakaza urubuga. Rero, ng’iki ikibazo nyamukuru: none ibi birashobora kugira ingaruka za poritike kuri Vladimir Putin? Ivyo ari vyo vyose, mu kiringo kirenga imyaka 20, Putin yarabaye rurangiranwa imbere y’incabwenge z’Uburusiya, ko yamye atsinda urugamba; ko yamye aca mu bihe bigoye cane akabitsinda; mu majambo make ko adashobora gutsindwa. Nkunze kumufata nk’umurusiya karuhariwe yamenyekanye nk’umuhinga mu gukwepa, Harry Houdini. Iyo hari ikintu ico ari co cose kimuzibira canke kimugoye, Putin yamye, igihe cose, abicamwo. Ibintu vyagiye guhinduka kuwa 24 Ruhuhuma (2). Amezi atandatu aheze yerekana ko Perezida Putin yakoze ibiharuro atari vyo na gato ku ngingo yiwe yo gutera Ukraine. Uretse ko yananiwe no gushika ku ntsinzi vuba bwango, Uburusiya bwinjijwe mu ntambara ndende, kandi iriko iratikiriramwo abatari bake, mbere ikaba imaze gutsindwa mu buryo buteye isoni. Iyo ibintu bihindutse ku mutegetsi asanzwe azwi ko adatsindwa, bishobora kumuzanira ingorane. Kahise k’Uburusiya kazotegerezwa kwigisha Vladimir Putin. Abakuru b’ibihugu b’Uburusiya bose barwanye intambara bakazitsindwa muri kahise ntibigeze barangiza neza. Igihe Uburusiya butsindwa n’Ubuyapani, vyavuyemwo impinduka z’Ubutegetsi mu Burusiya (Révolution russe/Russian Revolution) mu 1905. Amakosa ya gisirikare mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose yatumye haba impinduka z’Ubutegetsi mu 2017 zavuyemwo isenyuka z’ubutegetsi bw’igi Tsar. Hagati aho, Perezida Putin nta mugambi afise wo kurangiza intambara atsinzwe. Ejo ku wa mbere, umuvugizi wiwe Dmitry Peskov yabwiye abanyamakuru ati: “Igikorwa kidasanzwe ca gisirikare [c’Uburusiya] kirabandanya kandi kizobandanya gushika aho intumbero zose twihaye kuva mu ntango zizoshikwako”. Ibi bidushikana ku kindi kibazo gikomeye: none Putin azoca akora iki? Ntivyoroshe kuronka umuntu ashobora kuba azi ivyo Vladimir Putin yibaza canke ategura. Vyinshi vyoba biva ku kuri kw’amakuru ahabwa n’abarongoye igisirikare n’ibisata vy’igendereza. Ariko aha hari ibintu bibiri tuzi: ni gake umukuru w’igihugu c’Uburusiya yemera ko yakoze amakosa. Kandi ni gake yemera guhinduka. Dufatiye ku vyo ibinyamakuru vya reta bitangaza, turamaze kubona ibimenyetso vyerekana ko ugutsindwa ku rugamba kuriko kwegekwa ku mfashanyo Ukraine ihabwa n’Uburengero. Imboneshakure ya Reta y’Uburusiya itangaza iti: ""Ku mfashanyo ya OTAN/NATO, Kyiv yatanguje igitero co kwivuna”. Hari ikibazo kitoroshe kimaze amezi atari make mu mitwe y’abantu: mu gihe yonanirwa no gutsinda intambara akoresheje ibirwanisho bisanzwe, Perezida Putin azohava yikora ku birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara? Mu misi mike gusa iheze, umukuru wa gisirikare wa Ukraine, Valeriy Zaluzhnyi, yagabishije ati: ""Hari ubwoba ko ingabo z’Uburusiya, mu bihe kanaka, zishobora gukoresha ibirwanisho vy’ubumara”. Gushika ubu, nta bimenyetso vyerekana ko Kremlin ifise ubwoba. Imboneshakure y’Uburusiya yerekana icizere. Ivuga ko ibisasu vya misire biherutse guterwa ku bigo vy’amasoko ntanganguvu ya Ukraine ari “impinduka zikomeye mu gikorwa kidasanzwe”. Naho ku muyobozi wa Kremlin, ku wa gatandatu uheze - ubwo amakuru yaza avuye muri Ukraine avuga ko Uburusiya bwatakaje ubutaka – asubiye i Moscou, Vladimir Putin yari yisanzuye igihe yariko yugurura urugori rushasha, runini cane ku mugabane wose wa Bulaya. Perezida asa n’uwucizeye ko igikorwa ciwe kidasanzwe kizomugendera neza." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cv2dq9kwzwyo +politics Rishi Sunak agiye kuba umushikiranganji wa mbere wa UK wa mbere w'amamuko ya Asia Rishi Sunak  agiye kuba umushikiranganji wa mbere  wa UK wa mbere w’amamuko ya Asia. Ni inyuma y’aho uwo bari kumwe mw’ihiganwa asokoreye mu kurondera kuba umukuru w’umugambwe w’aba Conservative (canke Tory). Hafi abashingamateka 200 b’aba Conservative bashigikiye ku mugaragaro uwo yahoze ari umushikirikiranganji ajejwe ikigega mu gihe igenwa ryategerezwa kurangira uyu munsi. Umukuru w’inama nshingamateka Penny Mordaunt yasokoye aho ananirirwe no kuronka abamushigikira bakwiye mu bashingakateka imbere y’uko igihe ntarengwa kirangira isaha umunani z’umuhingamo mu masaha yo mu Bwongereza. Bisigura ko Sunak agiye gusubirira Liz Truss  mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere inyuma y’aho ibivuye mw’ihiganwa bitangarijwe na Sir Graham Brady, umukuru w’umugwi 1922 utunganya itorwa ry’umukuru w’aba Tory. Umwami Charles III azoca agena Sunak kugira asubirire Liz Truss yatanze imihoho ku ndwi iheze amaze iminsi 45 gusa ku butegetsi. Gutorwa kwa Sunak kuba umukuru w’aba Tory kubaye ukugaruka vuba cane kw’uwo yahora ari umushikiranganji ajejwe ikigega  inyuma yo kurushwa mw’ihiganwa n’uwo asubiriye  mu minsi iheze. Imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi yo imaze iminsi isaba ko haba amatora rusangi ivuga ko Sunak adafise inshingano ya democrasi co kuba umushikiranganji wa mbere. Ayandi matora rusangi ntiyitezwe imbere nibura mu 2024 uhereye aho aba Conservative batsindiye ayaheruka ku majwi menshi cane mu 2019. Sunak yavukiye i Southampton mu 1980 ku bavyeyi bamuka muri Punjab mu Buhindi bimukiye mu Bwongereza mu myaka ya 1960 bavuye muri Afrika y'Ubuseruko. https://www.bbc.com/gahuza/articles/cjqwkv081vzo +politics Burundi – Rwanda: Ni igiki kigiye gukurikira inyuma y'amajambo meza? "Imigenderanire y'u Burundi n'u Rwanda imaze imyaka itandatu yifashe nabi, ariko guhera kw'igenekerezo rya mbere uku kwezi biraboneka ko igomba gufata intumbero nshasha. Inyuma y'uko u Rwanda rurungitse umushikiranganji wa mbere mu birori vyo guhimbaza isabukuru igira 59 y'ukwikukira kw'Uburundi, Perezida Evariste Ndayishimiye yavyise ""igitangaza"", akavuga ko ibihugu vyompi bigomba kwandika ""ikigabane gishasha mu migenderanire yavyo"". Ariko inyuma y'ibi, Abarundi n'Abanyarwanda babandanya kwibaza niba ibibazo vyariho biheze, mbere bakibaza ikigiye gukurikira inyuma y'amajambo meza. Cyprien Mbonimpa yahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu w'Uburundi avuga ati: ""Mu gifaransa bavuga umugani ngo 'une hirondelle ne fait pas le printemps'… ubu ntiwovuga ngo vyose biratunganye"". Abantu ibihumbi vyinshi barahomvye cane mu budandaji n'imigenderanire hagati y'ibi bihugu bisangiye vyinshi kubera imishamirano ya politike hahati ya Kigali na Gitega. Uburundi bwagiriza u Rwanda guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi bw'umuhisi Presida Pierre Nkurunziza, u Rwanda narwo rukagiriza Uburundi guha inzira abagomba gutera ico gihugu. Avuga ku kibazo bafitaniye n'u Rwanda mu ntango z'ukwezi kw'umunani umwaka uheze, Perezida Ndayishimiye yagize ati: ""Ntitwifuza y'uko tugirana imigenderanire n'igihugu gikoresha uburyarya, igihugu c'iciyorobetsi"". Kuri ivyo, u Rwanda rwishuye ko rwabonye Uburundi ""ata bushake bwo kubana neza n'u Rwanda bufise"". Gusa munyuma abategetsi mu gisirikare n'abashikiranganji barahuye ku mbibe z'ibi bihugu barayaga. Mbonimpa abona ko intambwe yatewe kw'itariki ya mbere z'uku kwezi ari ""ikintu co gushimira abakuru b'ibihugu bompi…, ni ikintu ciza cane."" Mbonimpa avuga ko ubu ata wovuga ""ngo vyose biratunganye"" kuko ibibazo bikiriho, avuga ati: ""Hariho umugani baca mu gifaransa ngo 'une hirondelle ne fait pas le printemps (mu kirundi wosigura uti: intamba imwe ibonetse ntibisigura ko urushana ruheze)'. Yongera ati: ""Si ubwa mbere u Rwanda n'uburundi tugira ibibazo hagati yacu, kuva twikukiye haragiye haraba ibibazo vyo kutumvikana mugabo ikintu cagumye kiriho ni uko abakuru baguma bavugana, babonana. ""Bigatuma n'ubwo habaho ibintu badahuje ata ntambara yigeze iba hagati y'u Rwanda n'Uburundi ngo baterane, barwane."" Mbonimpa avuga ko urugendo rw'umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda rwerekana ko abakuru b'ibihugu bariko barayaga ku bibazo biriho ngo babitorere inyishu. Abarundi n'Abanyarwanda bariteze cane igihe bazongera kugenderanira, gukorana ubudandaji nka mbere ya 2015. Niyo nyungu niniya biteze yova ku banyepolitike babatwaye. Ariko biraboneka ko hari ibizobanza kuba kugira bigere kuri urwo rwego. Mbonimpa ati: ""Narumvise Perezida Ndayishimiye ashimira ko umukuru w'u Rwanda yarungitse intumwa mu birori twarimwo kandi akavuga ati 'ubucuti bugirwa n'akarenge'. ""Bivuga y'uko ko umutegetsi w'u Rwanda yaje i Burundi kumbure mu minsi iza hoba umutegetsi w'u Burundi agenda mu Rwanda. ""Hanyuma rero ibintu vyo guterana amajambo bikagabanuka ntibisubire, ibibazo ntibiheze igihambaye ni uko bakomeza kubivugana, ubuzima hagati y'ibihugu bibiri bukabandanya, Abanyarwanda bakaza i Burundi Abarundi bakagenda i Rwanda.""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57732274 +politics Ethiopia -Tigray: 'Koresha ibigwanisho ivyo ari vyo vyose mufise' mu kugwanya TPLF-akamo ka Abiy Ahmed "Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yasavye abamushigikiye gukoresha ibigwanisho ivyo ari vyo vyose bashobora kuronka kugira bahagarike ugusugerezwa n'ingabo z'inyeshamba za Tigray. Abiy yavuze ko ari inshingano z'umunyagihugu wese ''kuzibira, gusambura no guhamba"" ingabo z'inyeshamba za Tigray People's Liberation Front (TPLF). Ni wo mugambwe wahora utwara intara ya Tigray imbere y'uko haduka intambara hagati yawo na reta ya Ethiopia. Ako kamo umushikiranganji wa mbere yagateye abicishije kuri Facebook inyuma y'aho inyeshamba zivugiye ko zigaruriye utundi turere mu ntara ya Amhara, gutyo zikaba ziriko ziregereza umurwa mukuru, Addis Ababa. Reta Zunze Ubumwe za Amerika (US) zivuga ko zitewe impungenge cane n'amakuru y'uko ingabo z'inyeshamba za Tigray zigaruriye ibisagara bibiri vya Dessie na Kombolcha. Umunyamabanga wa reta (umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa US, Antony Blinken), yanditse kuri twitter ati: ""uko intambara ikomeza ni ko hakomeza akaga ku bantu bo mu buraruko bwa Ethiopia"", aca asaba impande zose guhagarika ibikorwa vyo kugwana. Reta ya Ethiopia irahakana ivyemezwa n'inyeshamba za TPLF ko zafashe igisagara ca Dessie n'akarere vyegeranye ka Kombolcha mu ntara ya Amhara. Umwe mu bavugizi ba TPLF, Getachew Reda, yavuze ko bafashe Kombolcha kandi ko intego yabo yonyene ari ukugira bugururire iyo ntara bavuga yo yugawe na reta ya Addis Ababa. Uburyo bwo gutumatumanako n'iyo ntara ahanini bwarahagaritswe kandi imfashanyo ikenewe cane ntishobora gushikayo. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko abantu 400.000 muri iyo ntara babayeho nko mu bihe vy'amapfa inyuma y'umwaka urangiye iyo ntambara itanguye." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59116383 +politics Igisirikare ca Ethiopia cishe Seyoum Mesfin yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire Igisirikare ca Ethiopia gitangaza ko cishe uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire Seyoum Mesfin, akaba yari umwe mu bashinze umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF) wahora urongoye intara ya Tigray. Uyu yabaye umushikiranganji w'imigenderanire kuva mu 1991 gushika 2010, yicanywe n'abandi bategetsi batatu bo hejuru b'umugambwe TPLF muri iyo ntara ya Tigray inyuma y'aho bankiye kwishikana, nk'uko bivugwa n'igisirikare. Inyuma y'ukuba umushikiranganji w'imigenderanire, Seyoum yahawe amabanga yo guserukira Ethiopia mu Bushinwa. Azwi ko ari we yakomeje imigenderanire hagati y'Ubushinwa na Ethiopia - kimwe mu bihugu vya Afrika gifise abanyamitahe benshi b'Abashinwa. Reta ya Ethiopia yari yasohoye umutahe wo kumuhagarika - co kimwe n'abandi bategetsi bakuru b'uyo mugambwe - inyuma y'intambara yabereye muri Tigray mu kw'icumi na rimwe guheze. Agashimwe kangana n'ibihumbi 254,000 vy'amadorari y'abanyamerika niko kari kemerewe umuntu yari gutanga amakuru yari gushobora gufasha kubahagarika. Igisirikare kivuga ko basabwe kwishikana ariko baranana. Kivuga kandi ko abategetsi batari bake ba TPLF bishwe abandi barahagarikwa mu bikorwa vya gisirikare biheruka. Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yaragomoye ingabo zirwanira mu kirere no hasi ku wa 04 z'ukwa cumi na rimwe kugira ngo yirukane uyo mugambwe ku butegetsi, ni inyuma y'aho ingabo zawo zifatiye ibirindiro vya gisirikare vy'igihugu. Yahavuye atangaza intsinzi ya reta muri Tigray inyuma y'intambara zamaze ukwezi, ariko abategetsi ba TPLF bashoboye guhunga batangaje ko bari biteguriye kubandanya intambara. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55657603 +politics COP26: Biden aranegura cane abakuru b'ibihugu vya China na Russia kubera batitavye inama "Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika aranegura abakuru b'ibihugu vy'Ubushinwa n'Uburusiya kubona batitavye inama mpuzamakungu COP26 yiga ikibazo c'ihindagurika ry'ikirere. Mw'ijambo yaraye ashikirije mw'ijoro ryo ku wa kabiri, Perezida Biden avuga ko ikibazo c'ikirere ari ""ikibazo gikomeye cane"", ariko ko Ubushinwa ""bwiyonjoroye"" - yongerako kandi ko ""ari co kimwe n'Uburusiya hamwe na Putin"". Yaba Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya canke Xi Jinping w'Ubushinwa, nta n'umwe ari muri iyi nama mpuzamakungu yo mu gisagara ca Glasgow muri Ecosse (Scotland). Hagati aho, ibi bihugu vyompi vyararungitse intumwa muri bino biganiro vyitezwe kumara indwi zibiri gushika ku wa 12 z'uku kwa cumi na rimwe. Ubushinwa ni co gihugu ca mbere kw'isi gisohora ivyuka vya gaz carbonique (carbon dioxide) bihumanya ikirere, bugakurikirwa na Amerika. Uburusiya buza ku mwanya wa gatanu inyuma y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya n'Ubuhindi. Abategetsi b'ibihugu barenga 120 bari muri iyi nama. Hari ibihugu bimaze gutangaza imigambi mikuru mikuru ijanye no kurwanya ihindagurika ry'ikirere, harimwo kugabanya urugero rw'imyuka ya methane kw'isi gushika mu 2030, hamwe no guhagarika guhonya amashamba imbere y'uwo mwaka nyene. Ubushinwa n'Uburusiya vyompi vyarateye igikumu ku masezerano yo gukingira amashamba cimeza. Imbere y'uko Perezida Biden ashikiriza ijambo ryiwe, Perezida Putin yarashikirije ijambo yifashishije ubuhinga bwa videwo mu nama yariko yiga ivyo gukingira amashamba cimeza muri iryo koraniro rya COP26 ejo ku wa kabiri, aho yavuze ko Uburusiya bwafashe ""ingingo ruhasha mu ntumbero yo kubungabunga"" amashamba cimeza, nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Kremlin. Perezida Biden yashikirije aya majambo igihe yari abajijwe uruhara ibindi bihugu - harimwo Ubushinwa, Uburusiya na Arabie Saoudite - bimaze kugira gushika ubu muri ibi biganiro. Ati: ""Ni vyo ko Ubushinwa buriko bugerageza kwiha ikibanza gishasha, kandi ni ibintu vyumvikana, kw'isi nk'igihugu c'igihangange - ariko kubona butitavye, oya n'ukuri"", yongerako ko kubona Xi Jinping atitavye ari ""ikosa rikomeye"". Yavuze nk'uko nyene kuri Perezida Putin, aho yavuze ko amashamba y'Uburusiya ariko arasha ariko umukuru wabwo ""akaguma anumye"" kuri iki kibazo. Igihe batangaza iyi ngingo mu kw'icumi, umuvugizi wa Putin Dmitry Peskov nta nsiguro yatanze zari gutuma uyu mukuru w'igihugu atitaba ibiganiro, n'aho yavuze ko ikibazo c'ihindagurika ry'ikirere ari ikibazo ""nkoramutima"" ku Burusiya. Muri uko kwezi nyene, abategetsi baragabishije umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson ko umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping ata mugambi yari afise wo kwitaba iri koraniro. Bivugwa ko Perezida Xi atarigera ava mu gihugu kuva mu ntango za 2020. Mu kwezi kw'icenda, Perezida Xi yatangaje ko gushika mu mwaka wa 2060 Ubushinwa bwihaye intego yo kuzoba bwashize ku rugero rumwe imyuka ihumanya ikirere n'ivyo bukora ngo bugisukure. Ico gihe, yanavuze ko imbere y'umwaka wa 2030 imyuka ihumanya ikirere Ubushinwa busohora izoba yageze ku rugero rwo hejuru rushoboka, hanyuma rugatangura kugabanuka. Mw'ijambo yashikirije mu nama mpuzamakungu yerekeye amasoko ntanganguvu ku wa 13 z'ukw'icumi, Perezida Putin yavuze ko Uburusiya nabwo nyene bugiye kwita ku rutare kugira ngo gushika mu 2060 buzobe ata vyuka bihumanya buzoba bugisohora. Intego y'isi yo kugera kuri 0% mu gusohora imyuka ihumanya ikirere (Net Zero), bisigura ko ata gusubira gusohora ibindi vyuka bibi bija guhumanya ikirere." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59145417 +politics Sudan: Igisirikare kigiye gusubizaho umushikiranganji wa mbere Hamdok yaheruka kubogozwa Umushikiranganji wa mbere wa Sudani yari aherutse kubogozwa mu kwezi guheze, Abdalla Hamdok, agiye gusubizwa ubutegetsi, inyuma y'igihe yari amaze mu minwe y'igisirikare cari camubogoje. Abahuza bavuga ko abapfungiwe ivya poritike bose bazorekurwa nk'uko biri mu masezerano yashitsweko hagati y'igisirikare, abategetsi b'abasivire hamwe n'imirwi y'inyeshamba yahoze irwanya reta. Ku wa 25 z'ukwa cumi, umutegetsi wa gisirikare yatangaje amategeko adasanzwe, kandi ko ubutegetsi bwa gisivire buhagaritswe. Ibi vyatumye haduka imyiyerekano y'urutavanako yahitanye abantu batari bake bahasize ubuzima. Aya masezerano yashitsweko nijoro ku wa gatandatu mw'ijoro, akaba yiteze kuja mu ngiro kuri uyu wa Mungu, nk'uko vyemezwa n'umukuru w'umugambwe Umma Party, Fadlallah Burma Nasir. Umurwi w'abahuza, wari ugizwe n'abigisha bo mu mashure ya kaminuza, abamenyeshamakuru n'abanyaporitike, barasooye itangazo ryerekana ibiri muri aya masezerano. Rivuga ko umushikiranganji wa mbere Hamdok n'abagize reta yiwe bapfunzwe igihe ubutegetsi bwiwe butembagazwa bazorekurwa kandi ko azoca asubira mu kibanza ciwe c'umushikiranganji wa mbere. Rivuga kandi ko amategeko agenga ubutegetsi mfatakibanza bwa Sudani butegura intwaro rusangi azoca asubizwaho. Abategetsi ba gisirikare n'abasivire barumvikanye ingene basangira ubutegetsi kuva mu kwa munani 2019, inyuma y'aho intwaro y'uwari arongoye iki gihugu imyaka myinshi Omar al-Bashir itembagarijwe. Uwu mwumvikano wagiye gutosekara mu kwezi uheze igihe umutegetsi wa gisirikare Jenerali Abdel Fattah Abdelrahman Burhan akuriyeho uruhande rwa gisivire ruri muri reta, aca apfunga abategetsi barwo. Yavuze ko atari itembagazwa ry'ubutegetsi, ko ahubwo yari ingingo yari ikenewe kugira ngo ntihabe intambara yari igiye kwaduka kubera abanyaporitike bariko bagumura abanyagihugu babateranya n'inzego zijejwe umutekano. Yaciye yigena nk'umukuru w'inama nkuru irongoye igihugu, akikijwe n'abasirikare hamwe n'abahoze bahoze barongoye iyari imirwi y'inyeshamba. Mu bisagara bitari bike harimwo n'umugwa mukuru Khartoum, abari mu myiyerekano barazibiye amabarabara baturira n'amapine, mu kwerekana agashavu kabo ko utwigoro two gushika ku ntwaro rusangi twanigiwe mu menshi. Igisirikare caciye gikoresha inguvu, mbere kikagirizwa ko carashe abari muri yo. Aya masezerano mashasha aje mu gihe hari hategekanijwe iyindi myiyerekano kuri uyu wa Mungu. Amakungu yariyamirije iri tembagazwa ry'ubutegetsi anasaba ko abapfungiwe ivya poritike barekurwa. Ibanki y'isi yarahagaritse imfashanyo yahabwa Sudani, Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika naryo rica rihagarika iki gihugu. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59363967 +politics Pelosi muri Taiwan: China ishobora kwerekana ko ikomeye kubera uru rugendo - US "Umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu mugambwe w'aba-Democrats uri ku butegetsi muri Amerika, Nancy Pelosi, ari muri Taiwan mu muce w'urugendo arimwo muri Aziya, naho Ubushinwa bwari bwagabishije. Uru rugendo, rudashigikiwe na Prezida Biden, ni rwo rwambere rugizwe muri Taiwan n'umutegetsi akomeye wa Amerika mu kiringo c'imyaka mirongo. Ubushinwa bubona Taiwan, isa n'iyigenga, nk'intara yayo yiyonkoye ariko bitebe bitebuke ikaba izosubira kuba igice c'igihugu. Uburusiya n'Ubushinwa vyari vyagabishije Amerika yuko urugendo rwa Pelosi ari agasombororotsi kandi ko ruhungabanya. Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) iragabisha ko Ubushinwa bushobora gusotora bukoresheje uburyo bwa gisirikare mu kwihora urugendo ruteje impari rwa Nancy Pelosi  muri Taiwan. Muri aka gasotoro harimwo gutera ibisasu vya misire hafi ya Taiwan, canke ibikorwa vya gisirikare bikomeye mu kirere canke mu mazi, nk’uko umuvugizi wa Maison Blanche John Kirby abivuga. Ibinyamakuru vya Taiwan na Amerika bivuga ko ategekanya kugendera Taipei (umugwa mukuru wa Taiwan), ariko ntibiremezwa na reta ya Amerika. Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) igabisha ko hazoba “inkurikizi zikomeye” mu gihe Pelosi yoramuka agiyeyo. Mu gihe Amerika ibandanya ico yita “imigenderanire ikomeye ariko itazwi” na Taiwan, ifitaniye imigenderanire n’Ubushinwa izwi, ariko atari Taiwan. Ku wa mbere, umuserukizi w’Ubushinwa muri ONU Zhang Jun yaragabishije ko uru rugendo rushobora guhungabanya imigenderanire hagati ya Pékin na Washington, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivyandika. Impande zompi mu migambwe ibiri irwanira ubutegetsi muri Amerika zirashigikiye cane Taiwan, co kimwe no mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Ni mu gihe Pelosi, umutegetsi mukuru mu mugambwe w’aba Democrats, kuva kera yamye anegura ubutegetsi bw’Ubushinwa, yiyamiriza ihonyanga ry’agateka ka zina muntu ryo ku rwego rwo hejuru. Yarigeze kubonana n’abarwanira intwaro rusangi mbere aragendera ikibanza ciswe Tiananmen Square i Pékin mu kwibuka abaguye mu bwicanyi bwo mu 1989. Uyu mukuru w’inama nshingamateka yatanguye urugendo rwiwe muri Aziya ku wa Mungu, bikaba bitegekanijwe ko aca muri Singapour, Malaysia, Korea y’Epfo no mu Buyapani. Yategekanya kugendera Taiwan mu kwa kane, ariko yarungurije urugendo rwiwe inyuma y’aho yanduriye Covid-19. Mu ntango za kuno kwezi, Pelosi yavuze ko vyari “nkenerwa kuri twebwe kwereka Taiwan ko tuyishigikiye”. Perezida Joe Biden avuga ko igisirikare ca Amerika cemera ko urugendo rwa Pelosi muri Taiwan atari “iciyumviro ciza muri kino gihe”. Ku wa mbere, umuvugizi wa Maison Blanche mu gisata c’umutekano w’igihugu John Kirby yavuze ko mu vyo Ubushinwa bushobora gukora mu kwunyura ibintu ari “ugushinga imanza z’amanyanga” mu misi iri imbere, nk’akarorero bukavuga ko Umuhora wa Taiwan (Détroit de Taïwan / Taiwan Strait ) atari umugezi mpuzamakungu. Avuga ko ibindi bimenyetso vyerekana ko Pékin ishobora kurungika indege z’itambara muri iryo zinga, nka kimwe mu bigize ibikorwa vyo kuvogera ikirere ca Taiwan. Kirby asigura ko uwahoze ari umukuru w’inama nshingamateka w’Umurepubulika Newt Gingrich yigeze kugendera Taiwan mu 1997, kandi ko n’abandi bashingamateka ba Amerika bagendeye Taiwan mu ntango z’uno mwaka. Avuga ati: ""Nta cahindutse. Ntaco twovuga kidasanzwe. Si bwo bwa mbere umukuru w’inama nshingamateka azoba agendeye Taiwan”. Yongerako y’uko Pelosi arerurwa n’indege za Amerika muri uru rugendo rwo muri Aziya. Mw’ijambo yashikirije muri ONU, umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken asaba Ubushinwa kwinengesera mu gihe Pelosi yogendera Taiwan. Inyuma y’ibiganiro vyo kurwanya ibirwanisho vya nikleyeri i New York, Blinken yabwiye abanyamakuru ati: ""Mu gihe umukuru w’inama nshingamateka yofata ingingo yo gukora uru rugendo, hanyuma Ubushinwa bukagerageza guteza ingorane canke naho bugatuma ibintu vyunyuka, vyose bizoba biri ku gatwe ka Pékin”. ""Turiteze ko – mu gihe yoramuka afashe ingingo yo kugendera Taiwan – ivyo bokora vyose bokwinengesera hagukora ikintu ico ari co cose cotuma ibintu vyunyuka”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cxxp4d5w8r5o +politics Intambara ya Ukraine: Russia ntiyera de, ariko ntimaramazwa no kwerekana ico iri - Lavrov Steve Rosenberg\nUmwanditsi mukuru wa BBC mu rurimi rw'ikirusiya, Moscow Kuva igisirikare c’Uburusiya giteye Ukraine, haraciye hafi amezi ane, ibihumbi n’ibihumbi vy’abasivire baramaze kwicwa, ibisagara bitari bike navyo bicika umunyota, mu gihe imiriyoni z’abanya-Ukraine nabo bataye izabo. Ariko ejo ku wa kane, umushikiranganji w’imigenderanire Sergei Lavrov yarandavye mu maso ambwira ko ibintu bitari uko abantu bibaza. Ati: “Twebwe ntitwateye Ukraine”. “Twatangaje igikorwa kidasanzwe ca gisirikare kubera ata yindi nzira twari dusigaje yo gusigurira Uburengero ko kurondera kwinjiza Ukraine muri OTAN/NATO cari icaha”. Kuva Uburusiya buteye Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2), umushikiranganji Lavrov ni gake yari amaze guha ikiganiro ibinyamakuru vyo mu bihugu vy’Uburengero. Asubiramwo amajambo avugwa na Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ko muri Ukraine harimwo aba-Nazi. Abategetsi b’Uburusiya bakunze kuvuga ko igisirikare cabo kiriko “kirakura ivyiyumviro vy’iki-Nazi” mu gihugu. Lavrov aherutse guteza uburakari igihe agerageza gusigura amajambo yafashwe nk’ibitutsi ku mukuru w’igihugu ca Ukraine, nawe akaba ari Umuyahudi, mu kuvuga mu buryo bw’agasuzuguro ko Adolf Hitler yari afise “amaraso y’Abayahudi”. Namusubiriyemwo icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’ikigwati ca Yahidne mu ntara ya Chernihiv muri Ukraine, kivuga ko “abantu 360, harimwo abana 74 na batanu bafise ubumuga, bahatiwe n’ingabo z’Uburusiya kumara imisi 28 yose bari mu vyumba vyo mu kuzimu kw’ishure rimwe .... Nta tuzu twa surwumwe twarimwo, nta n’amazi...abatama 10 muri bo barapfuye”. Nca ndamubaza nti: “None uko ni kwo kurwanya Abanazi”? Yishuye ati: “Birababaje cane, ariko abaserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo umukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Umunyamabanga mukuru wa ONU n’abandi baserukira ONU, bariko baraterwa igitsure n’Uburengero”. “Uburusiya ntibwera de. Uburusiya buri ico buri. Kandi ntitumaramazwa no kwerekana ico turi”. Lavrov w’imyaka 72, amaze imyaka 18 aserukira Uburusiya ku rwego mpuzamakungu, ariko we n’umukobwa wiwe barafatiwe ibihano n’ibihugu vyo mu Burengero. Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimwagiriza ko abandanya ashikiriza amajambo y’ibinyoma mu kuvuga ko Ukraine ari yo ibasotora, kandi ko ari we abazwa igitero c’Uburusiya nk’umwe mu bagize Inama Nkuru y’igihugu ijejwe umutekano. Niho rero nahava ndamubaza ibijanye n’imigenderanire y’Uburusiya n’Ubwongereza. Iki gihugu kiri ku rutonde rw’ibihugu vy’abansi b’Uburusiya, nca mvuga ko kuvuga y’uko imigenderanire ari mibi kwoba ari ukworosha ibintu. Lavrov yishuye ati: “Sinibaza ko hoba hari iyindi nzira yoba isigaye kuko yaba [Umushikiranganji wa mbere Boris] Johnson canke [Liz] Truss, bompi bavuga amenya ngo ni ngombwa ko dukubita hasi Uburusiya, ni ngombwa ko dukora ibishoboka vyose Uburusiya bugapfukama. Bandanye, bikore rero!”. Hari mu kwezi guheze igihe umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire yavuga ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yariko yiteza urubwa we nyene ku rubuga mpuzamakungu, kandi ko “dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira atsindwe muri Ukraine”. Mbajije Lavrov ingene abona Ubwongereza ubu, yavuze ko “bwasubiriye guta inyungu z’abanyagihugu mu kaga ku nyungu z’abanyaporitike”. Narongeye ndamubaza ivyerekeye Abongereza babiri baherutse gucirirwa urubanza rwo gupfa n’abategetsi b’akarere gashaka kwiyonkora bashigikiwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine. Ndamubwiye ko mu maso y’ibihugu vy’Uburengero Uburusiya ari bwo bubazwa ibizobabako vyose, yishuye ati: “Jewe amaso y’ibihugu vy’Uburengero nta na kimwe ambwiye. Jewe ndajwe ishinga n’amategeko mpuzamakungu. Nk’uko amategeko mpuzamakungu abivuga, abacangero ntibafatwa nk’abarwanyi”. Nishuye ko aba bagabo bari basanzwe mu gisirikare ca Ukraine kandi ko batari abacangero, hanyuma Lavrov aca avuga ko ivyo bitegerezwa kwihwezwa na sentare. Yahavuye yagiriza BBC ko idashira ahabona ukuri ku vyamye bishikira abasivire bo mu turere turi mu minwe y’abarwanyi dushaka kwiyonkora mu buseruko bwa Ukraine, “aho abasivire bari bamaze imyaka umunani baterwa amabombe n’ingabo za Kyiv”. Nashimangiye ko mu myaka itandatu yose iheze, BBC yavuganye incuro nyinshi n’abategetsi bo mu turere dushaka kwiyonkora isaba uruhusha rwo kwinjira kugira ngo yibonere ivyariko biraba. Igihe cose twabigerageje baratwimye uruhusha. Uburusiya bwagiriza Ukraine ihonyabwoko. Ariko mu 2021, abasivire umunani barishwe mu turere turi mu minwe y’inyeshamba, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’ubutere twegamiye Uburusiya dutangaza ko twigenga, hamwe rero n’abandi indwi mu mwaka w’imbere y’aho. Navuze ko mu gihe ubwicanyi ubwo ari bwo bwose ari akaga, ubu bwobwo ntibwabaye ihonyabwoko. Navuze nti nimba koko harabaye ihonyabwoko, abategetsi b’uturere dushaka kwiyonkora twa Luhansk na Donetsk bari kwumva ko bikenewe ko baduha uruhusha tukinjira. Namubajije nti “kubera iki batwankiye?”. Yishuye ati: “Ntavyo nzi”. https://www.bbc.com/gahuza/articles/cjk0ep12ynyo +politics Wa mutegetsi wa Huawei yari yafashwe na US yarekuwe, China nayo ica irekura abanya Canada babiri "Icuka kibi kiri hagati y'Ubushinwa n'ibihugu vyo mu burengero gisa n'ikiriko kirahera inyuma y'aho wa mutegetsi wa Huawei yari apfungiwe muri Canada arekuriwe, hanyuma Ubushinwa nabwo bugaca burekura abanya Canada babiri bwari bwarapfunze. Meng Wanzhou ajejwe ikigega mw'ikompanyi ikora ama terefone Huawei yari yafashwe mu 2018 ku mutahe wasohowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yarekuwe ejo ku wa gatanu habaye umwumvikano n'abashikirizamanza ba Amerika, aca asubira mu Bushinwa. Haciye amasaha make, haciye hatangazwa ko Michael Spavor na Michael Kovrig nabo bari mu nzira batashe muri Canada, inyuma y'imyaka bari bamaze bapfungiwe mu Bushinwa bagirizwa maneko muri uyo mwaka nyene, Pékin/Beijing irahakana ko itapfunze aba banya Canada mu kwihora ihagarikwa ry'umupfasoni Meng. Ariko abanegura Ubushinwa bavuga ko iki gihugu cabakoresha mu rugamba rwabwo rwa poritike. Aba bagabo bompi bagumye bahakana ivyo bagirizwa muri ico gihe cose. Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau yavuze ko bari babaye mu ""mahano atagira izina"". Yongerako ati: ""Ni inkuru nziza kwumva ko bari mu nzira basubira mu miryango yabo. Mu minsi 1000 iheze, barerekanye inguvu, ukwihangana, n'ubuntu"". Umushikiranganji wa mbere yavuze ko mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatandatu ari ho bari bitezwe muri Canada. Baherekejwe na Dominic Barton aserukira Canada mu Bushinwa. Mu kwa munani guheze, sentare yo mu Bushinwa yari yaciriye Spavor umunyororo w'imyaka 11 ku caha ca maneko. Kovrig wewe ntiyari bwasomerwe. Mw'itangazo yasohoye, umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko igihugu ciwe ""kinezerejwe"" n'ingingo y'Ubushinwa, ariko yongerako y'uko aba bagabo batuntujwe ""imyaka irenga ibiri n'igice yose bapfunzwe kandi bazira ubusa"". Imbere y'uko arekurwa, umupfasoni Meng - umukobwa w'umutunzi karuhariwe Ren Zhengfei yashinze ikompanyi y'Ubushinwa y'amaterefone ngendanwa Huawei - yaremeye ko yayobeje abajejwe amatohoza ba Amerika ku vyerekeye ibikorwa vy'ubucuruzi Huawei yakorana na Irani. Yari amaze imyaka itatu yose apfungiwe muri Canada, aho hose akaba yari mu rugamba rwo kubuza ko ajanwa muri Amerika. Ejo ku wa gatanu, umucamanza wa Canada yategetse ko umupfasoni Meng, ajejwe ikigega muri Huawei arekurwa, inyuma y'aho ashikiye ku masezerano n'abashikirizamanza ba Amerika ku vyo bamwagiriza vya magendo. Ahagaze kuri sentare ya Vancouver amaze kurekurwa, yabwiye abanyamakuru ati: ""Mu myaka itatu nari maze, ubuzima bwanje bwaratosekaye"". Abandanya ati: ""Ikintu ico ari co cose kibi cama gifise uruhande rwiza. Sinzigera nibagira abantu bose kw'isi yose bampojeje"". Mu nyuma yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Twitter aho ashimira umugambwe w'abakomunista, reta y'Ubushinwa ""n'igihugu ciwe c'amavukiro"". Huawei nayo yasohoye itangazo aho ivuga ko irindiranye igishika cinshi co kubona umupfasoni Meng asubiye mu muryango, inavuga ko izobandanya yisigura muri sentare. Imbere y'uko ahagarikwa, abashikirizamanza ba Amerika bamwagirije magendo, bavuga ko yayobeje amabanki mu bucuruzi bwa Huawei bwahonyanze ibihano Amerika yafatiye Irani. Igisata c'ubucamanza ca Amerika kivuga ko kibandanya citegurira urubanza na Huawei, ikompanyi ikiri ku rutonde rwirabura rwa amerika. Umupfasoni Meng ni umukobwa mukuru w'umutunzi karuhariwe Ren Zhengfei yashinze ikompanyi Huawei mu 1987 , akaba yaranabaye umusirikare w'Ubushinwa mu kiringo c'imyaka icenda. Huawei yo nyene ubwayo niyo kompanyi nini gusumba izindi zose kw'isi ikora ibikoresho vy'itumatumanako. Imaze igihe yagirizwa ko abategetsi b'Ubushinwa bashobora gukoresha ibikoresho vyayo mu bikorwa vya maneko - ivyo Huawei yamirira kure. Mu 2019, Amerika yarafatiye ibihano Huawei ica iyishira ku rutonde rwirabura rw'amakompanyi ashora ibintu hanze, yongera iyibuza gukoresha ubuhinga bwa amerika. Ubwongereza, Suede, Australia n'Ubuyapani, na vyo nyene vyarahagaritse Huawei, mu gihe ibindi bihugu harimwo Ubufaransa n'Ubuhindi bwafashe ingingo zisa n'izo kuyihagarika." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58690322 +politics EU – Burundi: Bateye intambwe ya mbere mu kunagura imigenderanire "Inyuma y'imyaka itanu yaranzwe n'icuka kibi hagati y'Uburundi n'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Buraya (UE/EU) izi mpande zibiri zaraye zishinze umushinge wo gusubira kunagura imigenderanire. Iyo migenderanira yari yarahagaze kuva mu 2015 kubera ukutumvikana ku bibazo bimwe bimwe, ariko ubu imyango ikaba isubiye kwugururwa nk'uko vyandikwa n'urubuga ngurukanabumenyi rw'ibiryo vy'umukuru w'igihugu. Ejo ku wa mbere, Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yarahaye umubonano uwuserukira uyu muryango aherekejwe n'abaserukira ibihugu biri muri uwo muryango bifise ivyicaro i Bujumbura. Ibiro vy'umukuru w'igihugu bimenyesha ko izi mpande zompi zumvikanye ""kwibagira akahise zikibanda kuri kazoza maze zikanagura imigenderanire"". Kuva hadutse indyane za politike mu 2015 bivuye ku ngingo ya nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoreza ikiringo kigira gatatu - abamurwanya bavuga ko gihonyanga ibwirizwa shingiro, ariko we n'abo mu mugambwe CNDD-FDD bavuga ko cari gikurikije amategeko - imigenderanire hagati y'izi mpande yaratitutse, zompi zikitana ba mwana. Inyuma y'uwo mubonano, ibiro vy'umukuru w'igihugu vyamenyesheje ko abaserukira ibihugu vy'umuryango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya bemeye gukora uko bashoboye kugira ngo uyu Muryango ufate mu mugongo inzego z'Uburundi mu migambi y'iterambere, cane cane bishimikije ya migambi nyamukuru itandatu yashirwa imbere na Perezida Ndayishimiye. Nk'uko bibandanya bivugwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu, abo baserukira ibihugu vyo muri uyo muryango mu Burundi bamenyesheje ko ""hageze y'uko bakemura ibibazo batumvikanako mu bwubahane"". Ku ruhande rw'umuryango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya, uwu mubonano ni umushinge wa kazoza keza mu migenderanire hagati y'Uburundi n'uyu muryango, nk'uko bivugwa na Claude Bochu, awuserukira mu Burundi. Kuva haduka indyane za 2015 zagiye kuvamwo ukugerageza gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 z'ukwa gatanu uwo mwaka, reta y'Uburundi yamye yagiriza umuryango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya ko ari wo ntandaro yazo, mbere ko inahaye indaro bamwe mu bashatse gutembagaza ubutegetsi. Uyu muryango nawo wahavuye uranahagarika imfashanyo wahora uha Uburundi, ukagiriza reta ko yariko ihonyanga agateka ka zina muntu, amasezerano ya Arusha, kandi ko yariko irenga ku ngingo ya 96 iri mu masezerano yiswe Amasezerano ya Cotonou yo gufashanya hagati y'uyu muryango n'ibihugu bigize ACP." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55232778 +politics Amerika iriyamiriza Ubushinwa ku myimenyerezo yabwo ivugwa yo gutera Taiwan "Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) ko ikora ibikorwa vyo “gusotora” kandi “bidafise ishingiro” inyuma y’aho Taiwan itangarije ko Ubushinwa bwakoze imyimenyerezo yo gutera iri zinga. Ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika (Maison Blanche/White House) bivuga ko Pékin iriko igerageza “guhindura uko ibintu bimeze” kuri Taiwan. Icuka kibi cariyongereye inyuma y’urugendo ruherutse gukorwa muri Taiwan n’intumwa za Amerika zari zirongowe n’umukuru w’inama nshingamateka, umu Democrat Nancy Pelosi. Ubushinwa bufata uru rugendo nk’inzitizi ku vyo busanzwe buvuga ku bijanye n’ubwigenge bwa Taiwan yoyo yifata nk’iyigenga. Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Taiwan avuga ko amato n’indege z’intambara vy’Ubushinwa vyakoreye imyimenyerezo mu muhora wa Taiwan (détroit de Taïwan/ Taiwan Strait) ejo ku wa gatandatu, mbere zimwe zikaba zararenze umurongo ugabura ibi bihugu vyompi.Taiwan yaciye irungika indege zayo z’intambara kuzirukana. Igisirikare ca Taiwan kivuga ko iyi yari imyimenyerezo yo kwigana igitero kuri iri zinga. Pékin ntaco irashikiriza kuri ino myimenyerezo ya gisirikare, ariko vyitezwe ko ibandanya mu kirere no mu mazi mu micungararo ya Taiwan gushika kuri uno wa Mungu. Washington yagiriza Ubushinwa ko butuma icuka kibandanya kiba kibi. Umuvugizi wa Maison Blanche avuga ati: ""Ibi bikorwa vyerekana ko Ubushinwa bwakobeje mu twigoro twabwo two kurondera guhindura ingene ibintu bitunganijwe. Ni ivy’agasotoro, bitagira inshingano, mbere ni ukutiyumvira”. ""Biteye kubiri kandi n’intumbero yacu y’igihe kirekire yo kubungabunga amahoro n’umutekano ku muhora wa Taiwan, ari na vyo amakungu yiteze”. Ubushinwa buvuga ko urugendo rw’umupfasoni Pelosi ""rwahungabanije cane "" amahoro n’umutekano ku muhora wa Taiwan. Ubushinwa bufata Taiwan ko ari intara yabwo ishaka kwiyonkora kandi ko amaherezo yayo ari uko izoruhira kuja mu minwe ya Pékin. Hagati aho, Taiwan ni izinga rifise ubutegetsi bwaryo, rikifata ko ari igihugu cigenga. Ariko, iyo hagize umutegetsi n’umwe w’igihugu kanaka yemera ubutegetsi bwaryo, Ubushinwa buca burakara. Ku wa gatanu bwatangaje ko bufatiye ibihano Nancy Pelosi n’umuryango wiwe kubera uru rugendo. Pékin kandi yatangaje ko ihagaritse imigenderanire yose na Amerika mu bisata nyamukuru bitari bike harimwo ihindagurika ry’ikirere, ibiganiro vya gisirikare n’utwigoro two kurwanya ubukozi bw’ikibi kw’isi. Umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yagiriza Ubushinwa gufata “ingingo zitagira ishingiro” mu kuzibira imihora mikuru mikuru yo guhanahana amakuru na Washington. Pelosi – nk’umuntu yamye anegura Ubushinwa akaba kandi n’umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru agendeye iri zinga mu myaka 25 – yashitse muri Taiwan ku wa kabiri, yirengagije amajambo yo kugabisha yashikirizwa na Pékin. Mu rugendo rwiwe, Pelosi yavuze ko “isi ihanganye n’ikibazo co guhitamwo hagati y’ubutegetsi bw’agahotoro n’ubutegetsi bwa demokarasi”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cmm1een1g1eo +politics Ukraine - Russia: Perezida Putin yategetse igisirikare gutegura ibirwanisho ruhonyanganda "Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin yategetse igisirikare ko urwego rw'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara rwomera magabo mu buryo budasanzwe - urugero rwo hejuru cane rwo kugaba mu nteguro igenga ibisasu vya misire vy'Uburusiya. Ni inyuma y'ico Moscou yise ""amajambo y'agasotoro"" ashikirizwa n'ibihugu vya OTNA/NATO. Avugana n'abategetsi bakuru ba gisirikare, harimwo n'umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu, yavuze ko ibihugu vy'Uburengero biriko ""bikora ibikorwa bibi"" ku Burusiya mbere bikaba vyabufatiye ""ibihano vy'akarenganyo"". Uyu mukuru w'igihugu c'Uburusiya yari yamaze gutangaza amajambo yo kugabisha ko ashobora kuzokoresha ibirwanisho vya nikleyeri igihe agomorera ingabo kuri Ukraine. Mu ndwi iheze, yagabishije ko ""umuntu uw'ari we wese yogerageza kwitambika imbere yacu"" ashobora guhura n'ingaruka ""atari bwigere abona kuva abaho"". Aya majambo yabonywe nk'iterabwoba ryo gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri mu gihe Uburengero bwomubera intambamyi. Abahinga babona ko ubu ari uburyo bwo gutanga ubutumwa bwo kugabisha. Uku kugabisha gusa no gutegura imitima ko ibi birwanisho bishobora gukoreshwa, ariko ntibisigura ko hari ishaka ryo kubikoresha ubu bwa vuba. Uburusiya nibwo bufise ububiko bunini bw'ibirwanisho vya nikleyeri gusumba ibindi bihugu vyose kw'isi, ariko busanzwe buzi ko OTAN ifise ibikwiye vyo gusambura Uburusiya mu gihe vyoramuka bikoreshejwe. Ariko biboneka ko intumbero ari ukugerageza gutera igitsure OTAN ngo ireke guha imfashanyo Ukraine. Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko iyi ngingo yo kwiyumvira gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri idashobora kwihanganirwa, nk'uko uwuyiserukira muri ONU Linda Thomas-Greenfield yabibwiye CBS News. Ati: ""Ibi bisigura ko Perezida Putin abandanya yunyura ibintu muri iyi ntambara mu buryo budashobora kwihanganirwa na gato, rero ni ngombwa ko tubandanya tuzibira ibikorwa vyiwe mu buryo bwose bushoboka"". Umunyamakuru wa BBC Frank Gardner ajejwe amakuru ajanye n'ivyo kwivuna abansi avuga ko ibi bivugwa n'Uburusiya vy'ukugabisha urwego rw'ibirwanisho vya nikleyeri ari ikimenyetso c'uko Perezida Putin ashavuriye ibihugu vy'Uburengero kubera ibihano vyafatiye igihugu ciwe hamwe n'ubwoba bubandanya ko igihugu ciwe kigeramiwe na OTAN. Avuga ko iki ari co abajejwe gutegura imigambi muri OTAN bamye batinya kandi ari naco gituma iri shirahamwe riguma risubiramwo ko ridashobora kurungika ingabo gufasha Ukraine kwirukana Abarusiya bayiteye. Umukuru wa OTAN avuga ko itegeko rya Vladimir Putin ryo gusaba ko urwego rujejwe ibirwanisho vya nikleyeri rwokwama rugavye ari akaga ko ku rwego rwo hejuru kandi ko ari ingendo ""iteye isoni"". Yabwiye imboneshakure CNN ati: ""Ni vyo, iyo ushize hamwe amajambo ashikirizwa n'ivyo bariko barakora ku rubuga muri Ukraine - gutera igihugu cikukiye, cigenga, ugakora intambara yeruye kuri Ukraine - ibi vyerekana ko ibintu bitoroshe"". Hagati aho, Amerika ivuga ko ata kintu na kimwe OTAN yakoze cotera ubwoba Uburusiya. Avuga kuri ibi vyashikirijwe na Perezida Putin, Jen Psaki, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, avuga ko OTAN ata na rimwe yigeze ibangamira Uburusiya kandi ko na Ukraine ata na rimwe yigeze ibangamira Uburusiya. Ati: ""Ivyo turabimenyereye kuri Perezida Putin kandi ntidushobora kuvyemera"". ""Turafise ubushobozi bwo kwivuna, ariko kandi ni ngombwa ko twiyamiriza ivyo turiko turabona kuri Perezida Putin"". Iri tangazo ry'Uburusiya ryibutsa icitwa misire za Cuba (Missiles de Cuba/ Cuban Missile Crisis) mu 1962 - igihe Washington na Moscou zihakwa kwinjira mu ntambara ya nikleyeri Imana igakinga." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60545251 +politics Joe Biden-Pologne: Umukuru wa Amerika arabonana n'impunzi za Ukraine Umukuru wa Amerika Joe Biden yitezwe kubonana n'impunzi z'abanya-Ukraine kuri uyu wa gatanu mu gisagara kiri hafi y'urubibe Pologne ihana na Ukraine. Prezida Biden ari ku ntambwe ya nyuma y'urugendo yarimwo ku mugabane wa Buraya. Indege itwara umukuru wa Amerika -Air Force One - ija kugwa mu gisagara ca Pologne ca Rzeszow, ku birometero bike uvuye ku rubibe rwa Ukraine. Abanya-Ukraine bashika miriyoni 2 bamaze guhungira muri Pologne - umurwa mukuru Vasovie umaze kwakira abashika 300.000. Bisden aja kubonana n'umukuru wa Pologne Andrzej Duda kugira ashimire ico gihugu ku twigoro two gufasha abari mu kaga. Urwo rugendo rw'umukuru wa Amerika rubaye mu gihe Buraya na Amerika bikomeje kubazwa vyihuta ikindi kirenga ico bimaze gukora mu gufasha abanya-Ukraine kwirinda amahano bariko barakorerwa n'Ubususiya. Hagati aho ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubwongereza (MoD) bwasohoye umwihwezo w'iperereza wa vuba w'ingene bubona intambara, buvuga ko Ukraine yashoboye kugaruza ibisagara n'ibirindiro vyo kwivuna mu buseruko bw'umurwa mukuru, Kyiv. MoD ivuga kandi ko Ukraine yashoboye gusubiza inyuma ingabo z'Uburusiya izivana aho zari zarafashe mu buraruko bushira uburengero bwa Kyiv. Umwihwezo w'Ubwongereza wongerako ko uburyo bw'Uburusiya bwo guhererekanya ivyankenerwa busanzaye cane. Mu yandi makuru, misire z'Uburusiya biranka ko zikora ku rugero rushobora gushika ku 60%, nk'uko bivugwa n'abategetsi batandukanye bo muri Amerika ariko batavugwa abari bo mu makuru atangwa na Reuters. Uko kudakora bishobora guterwa n'imvo zitandukanye harimwo kunanirwa kuzitera neza canke kwanka guturika iyo zigemye ico zatumberejweko. Urwo rugero ata handi rurahinyuzwa, rushobora gusigura ukutoroherwa kw'Uburusiya mu kugumya umurindi wo gutera intambwe imbere muri ico gitero kimaze ukwezi. Ku bwa Amerika, Uburusiya bumaze gutera misire 1.100 kuva intambara itanguye. Ntibavuga zingahe muri izo zagemye ico zari zigamije canke niba koko zaraturitse. Uburusiya ntibwishuye ubwo Reuters yabusaba kugira ico buvuze. . https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60871902 +politics Ukraine: Amerika ivuga ko Irani ubu ari yo ya mbere ifashe mu mugongo Uburusiya mu vya gisirikare "Na Elsa Maishman & Sam Hancock BBC News Imigengeranire hagati y’Uburusiya na Irani yahavuye ivamwo ubucuti bwuzuye bwa gisirikare, nk’uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibivuga. Uburusiya buha Irani imfashanyo ya gisirikare itari bwigere iboneka, nk’uko bivugwa n’umuhanuzi w’igihugu mu vyo umutekano wa Amerika, John Kirby. Amerika yarabonye ivyegeranyo vyerekana ko ibi bihugu vyompi biriko birihweza ingene bihingurira hamwe za ndege zitagira abadereva (drones) zizokoreshwa mu ntambara, nk’uko abivuga. Amadrone ya Irani aherutse gukurikiranirwa hagufi, aho Ukraine yagiriza Uburusiya ko bwayakoresheje mu ntambara, Australia nayo igafata ibihano kuri iki kibazo. Ico gihugu co mu burasirazuba bwa hagati cabanje guhakana ko ata drone n’imwe carungiiye Uburusiya, ariko mu nyuma kivamwo kiremera ko hari amwe caburungikiye imbere y’igitero muri Ukraine. Kirby avuga ko ugufashanya hagati ya Irani n’Uburusiya mu guhingura ama-drones kuzoba ari akaga kuri Ukraine, ibihugu bibanyi vya Irani hamwe n’amakungu. Avuga ati: ""Uburusiya buriko burarondera ingene bukorana na Irani mu bisata vyo guhingura ibirwanisho, inyigisho”. Yongerako y’uko Amerika ifise ubwoba ko Uburusiya butegura “guha Irani ibikoresho vya gisirikare bigezweho”, birimwo za kajugujugu n’ibikoresho vyo gukingira ikirere. Ati: ""Irani yabaye igihugu ca mbere gishigikiye Uburusiya gisirikare…. Uburusiya bukoresha amadrone ya Irani mu gutera ibibanza vy’amasoko ntanganguvu, ivyatumye amamiriyoni y’abanyagihugu ba Ukraine babura umuyagankuba, uburyo bwo kwishusha n’ibindi vya nkenerwa. “Abanyagihugu ba Ukraine uno musi bariko barapfa kubera ibikorwa vya Irani”. Kuri aya majambo ya Kirby, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire James Cleverly avuga ko Irani yabaye kimwe mu bihugu bishigikiye cane Uburusiya gisirikare kandi ko ubucuti hagati y’ibi bihugu ari akaga ku mutegako w’isi yose. Avuga ko aya ""masezerano y’akaga"" hagati y’ibi bihugu bibiri yatumye Irani irungikira Uburusiya amajana n’amajana y’amadrone. Ati: ""Mu kuyisubiriza mu ndumane, Uburusiya buha ubutegetsi bwa Irani ubufasha mu vya gisirikare n’ubuhinga, ibi bikazotuma ivyago vyiyongera ku ncuti zacu mu burasirazuba bwo hagati n’umutekano kw’isi”. Avuga ko Ubwongereza bubona kumwe na Amerika ko ubufasha bwa gisirikare Irani iha Uburusiya bushobora kwiyongera mu mezi ari imbere, mu gihe Uburusiya buriko buragerageza kwegeranya ibirwanisho vyinshi, harimwo amajana ya za misire ziraswa kure. Ukraine yagiriza Irani guha Uburusiya amadrone “y’ubwiyahuzi” aherutse gukoreshwa mu bitero bitari bike akica abantu nibura umunani ku wa 17 Gitugutu (10). Inyuma yo guhakana ibi, Irani yahavuye yemera ko yarungikiye Uburusiya “igitigiti gito” c’amadrones, “amezi atari make” imbere y’intambara yo muri Ukraine. Perezida Volodymyr Zelensky  wa Ukraine avuga ko iki ari ikinyoma kandi ko Ukraine yakorora amadrone ya Irani hafi cumi buri musi. Kuri uno wa gatandatu, Australia yatangaje imigambi ifise yo gufatira ibihano bijane n’amafaranga abanya-Irani batatu hamwe n’umurwizatunga wa Irani nyene kubera bahaye Uburusiya amadrone yakoreshejwe mu gutera Ukraine. Penny Wong, umushikiranganji wa Australia ajejwe imigenderanire, yanditse urwandiko rwacishijwe mu kinyamakuru Sydney Herald ruvuga  ruti: ""Guha amadrone Uburusiya vyerekana uruhara Irani ifise mu gutera umutekano muke kw’isi yose. Uru rutonde rurerekana ko abo bose baha uburyo Uburusiya bazobona inkurikizi”. Yatangaje izindi ngingo zafatiwe abantu 19 n’amashirahamwe abiri, harimwo igipolisi ca Irani kijejwe inyifato gitoteza abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta inyuma y’urupfu rwa Mahsa Amini , umugore w’imyaka 22 aherutse gupfira mw’ibohero. Mu yandi makuru avugwa muri Ukraine, Perezida Zelensky avuga ko Uburusiya  bwagize umunyota igisagara ca Bakhmut, inyuma y’amezi atari make y’intambara rutikiza nganda mu karere ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cxrqv03ge6vo +politics Kémi Seba ati: ‘Ivyo mvuga ndavyemanga, urwaruka rwa Afrika ruzofata ibintu mu minwe’ "Umunya Benin aharanira agateka k'abanya Afrika, Kemi Seba, yaciriwe urubanza rw'ugupfungwa amezi abiri n'amande ya 200.000 y'amafaranga y'ama CFA yagirizwa gutyoza umukuru wa Burkina Faso, hamwe n'abakuru b'ibihugu vya Niger, Côte d'Ivoire n'Ubufaransa. Bwana Seba yari yavuze ko Umukuru w'igihugu ca Burkina Faso, Roch Marc Christian Kaboré, ari ""ikiraro ca politike"", nayo Perezida w'Ubufaransa amwita ""agaperezida gato"". Yavuze ivyo mu kwerekana akababaro kiwe afise kubera abo yita akarwi k'abakoloni b'abafaransa babarya babicayeko, hari mw'ikoraniro imbere y'abanyeshure. Uyo mukuru w'ishirahamwe Urgences pan-africanistes avuga ko ico gihano kidashobora kumutuma ahagarika urugamba rwiwe. Avugana n'abamenyeshamakuru, Bwana Seba yavuze ati: ""Mu gihe cose umukuru w'igihugu azobandanya ahabwa amategeko n'abo bakoloni b'abafaransa, hazokwama hari urwaruka rutazigera rwemera agacinyizo rufaste ibintu mu minwe, ku giciro ico ari co cose"". ""Banciriye gupfungwa amezi abiri, ariko ico gihano ntaco kivuze kuko n'abacamanza barazi ko mvuga ukuri, ko urwaruka rufise ishaka ryose ry'ugufata ibintu mu minwe, tuzobandanya urugamba rwacu"". Avuga ko ababazwa n'ukubona ko iyo Perezida Macron atanze itegeko ata n'umwe aryogora, ariko iyo urwaruka rwa Afrika rusavye abavyeyi babo ko bafata ibintu mu minwe, baca bakubita mu mutwe, aho aho kurwanya ako karwi k'abafaransa gafatiye amaboko inyuma igihugu. Ati: ""Ibohero nta kintu na kimwe rizohindura, n'aho rwoba urupfu. Ni urugamba twarazwe na basokuru"". Bwana Seba ashimira umwunganirizi wiwe avuga ko yakoze akazi kiwe n'umutima wiwe wose. Avuga ko ivyiyumviro vyiwe ari ivyo abantu benshi ariko batubahuka kuvuga." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50925707 +politics EU/UE yagirije Russia guteza ubukene bw’indya abaserukizi bayo baca barasohoka Uwuserukira Uburusiya muri ONU yivumbuye mu mubonano w’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi inyuma y’uko umukuru w’Inama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya avugiye ko igitero c’Uburusiya kuri Ukraine ari co giteje ikibazo c’imfungurwa kw’isi. Charles Michel avuga ko Uburusiya bukoresha imfungurwa “nka misire mbi” ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, bigatuma baterwa n’ubukene. Intumwa y’ Uburusiya Vassily Nebenzia yagirije Michel ko akwiragiza ibinyoma. Intambara yatumye imfungurwa zugaranirwa ku bivuka vya Ukraine. Ukraine ni igihugu gishora hanze amavuta yo guteka menshi co kimwe n’intete, nk’ibigori n’ingano. Uburusiya na bwo nyene burashora hanze ingano nyinshi hamwe n’intabire. Ubukene bw’ibi bidandazwa bwatumye ibiciro vy’ibibisubirira biduga cane. Muri uwo mubonano w’Inama Nkuru ijejwe umutekano mw’ishirahamwe ONU i New York, Michel yavuze ati: “Nyakwubahwa Ambasaderi yUburusiya, reka tuvugishe ukuri, Kremlin iriko ikoresha ikibazo c’imfungurwa nka misire mbi ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. “Ingaruka mbi z’intambara y’Uburusiya ziriko zirarenga inkombe kw’isi yose kandi ibi biriko bituma ibiciro vy’imfungurwa biduga, bigatuma abantu binjira mu bukene, mbere bigateza umutekano muke mu burere. “Uburusiya bwonyene ni bwo ntanduruko y’iki kibazo c’imfungurwa”. Yongerako kandi ko yiboneye we nyene ubwiwe amamiriyoni y’amatoni y’ingano zugaraniwe ku kivuko ca Odesa kubera Uburusiya bwazibiye imihora ya Ukraine yo ku nyanja. Michel kandi yagirije Uburusiya kwiba intete ikanabuza abanyagihugu gutera ibiterwa be no kwimbura ivyimburwa muri Ukraine kubera ibikorwa vya gisirikare vyabwo muri ico gihugu. Aya majambo yatumye Nebenzia yivumbura. Ariko arasohoka, Michel yamubwiye imbonankubone ati: “Urashobora gusohoka, kumbure biroroshe kutumviriza ukuri”. Nebenzia yabwiye Reuters ko atashobora kugumayo kubera “ibinyoma Charles Michel yaje gushikiriza hano”. Mu nama yindi, umunyamabanga wa Reta ya Amerika ajejwe imigenderanire, Antony Blinken, na we nyene yavuze ko Uburusiya bubuza Ukraine gushora intete hanze, yongera yagiriza ingabo z’Uburusiya gusambura uburimyi bw Ukraine. Mw’ijambo yashikirije mu nama yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa none yahuje abagiraneza, amashirahamwe ategamiye reta hamwe n’amashirahamwe yo mu gisata c’abigenga. Blinken yavuze ati: “Hari ahantu harunze imiriyoni 20 z’amatoni y’ingano zazibiriwe mu bigega hafi ya Odesa, hamwe no mu mato yuzuye ingano azibiriwe ku kivuko ca Odesa kubera Uburusiya bwugaye imihora”. Blinken yavuze nk’uko Charles Michel avuga, ko hari amakuru yo kwizera ko Uburusiya “buriko buranyaga urukombamazi” intete za Ukraine kugira ngo buzigurishe ku nyungu zabwo. https://www.bbc.com/gahuza/articles/cv2e2707195o +politics US: Derek Chauvin yahamwe n'icaha co kwica George Floyd Derek Chauvin, umuzungu yahoze ari umupolisi, yahamwe n'icaha co kwica umwirabure George Floyd mu muji wa Minneapolis muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu mwaka uheze. Derek yagiriwe n'ibirego bitatu vyose bijanye no kwica yari yarezwe muri uru rubanza rwakurikiranywe cane. Humvikanye induru n'impundu hanze ya sentare igihe umucamanza yasoma ivyashitsweko n'abanyagihugu bumviriza bagaca urubanza (jury) nk'uko bigenda mu manza muri Amerika. Uwo mugwi wa jury vyawutwaye ikiringo kiri munsi y'umunsi umwe kugira uhamye icaha Derek Chauvin ku birego vyose bitatu bijanye n'urupfu rwa George Floyd. Derek yafashwe video mu kwezi kwa gatana mu mwaka uheze, yashize ivi mw'izosi rya Floyd ikiringo c'imitona icenda igihe yariko aramufata ico gihe. Vyamuviriyemwo gucikana. Umucamanza yari yabwiye umugwi wa jury kwihweza ibimenyetso vyose kandi ukibuka yuko igikorwa co kuzana ibimenyetso cega leta, kitaraba ababuranira uwuregwa. Ababuranira Chauvin bari bireguye bavuga yuko ibiyayuramutwe hamwe n'amagara atifashe neza ari vyo vyatumye Floyd apfa. Ubushinjacaha bwahimirije umugwi wa jury kwemera ivyo wabonye muri video. Iyo video yararabwe nka hose kw'isi iteza ishavu ryinshi ryadutsemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza amacakubiri afatiye ku rukoba hamwe no gukoresha inguvu z'ikirenga bigirwa n'abapolisi. Umucamanza yatangaje ko Derek Chauvin w'imyaka 45 azosomerwa igihano mu ndwi umunani ziri imbere, aca yambwikwa amapingu ajanwa mw'ibohero. Ni ubwa mbere umupolisi w'umuzungu ahamwa n'icaha co kwica umwirabure yafashe mu mateka ya Leta ya Minnesota, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe riharanira agateka muri Amerika, American Civil Liberties Union. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56825250 +politics Abasirikare ba Ukraine bapfa buri musi bagera ku 200 - umuhanuzi wa Zelensky "Umuhanuzi wo mu rwego rwo hejuru wa prezida wa Ukraine yabwiye BBC ko abasirikare ba Ukraine bari hagati ya 100 na 200 bicirwa ku rubuga rw'intambara buri musi. Mykhaylo Podolyak yavuze ko Ukraine ikeneye amajana n'amajana y'ibigwanisho bikomakomeye mu kwongereza ubushobozi ku rubuga rw'intambara ibahuza n'Uburusiya mu karere ko mu buseruko ka Donbas. Yavuze kandi ko Ukraine ititeguye gusubira mu biganiro vy'amahoro n'Uburusiya. Ingabo za Ukraine ziriko ziraterwa amabombe urutitsa mu gihe ingabo z'Uburusiya ziriko ziragerageza kwigarurira akarere kose ka Donbas. Podolyak agira ati: ""Ingabo z'Uburusiya zikoresha ikintu cose uretse ibigwanisho vy'ubumara ku rugamba, harimwo n'ibikoho bikomakomeye, ibikoho bitera za rokete hamwe n'indege."" Yasubiyemwo akamo ka Ukraine ku bihugu vya Buraya ko gusaba ibindi bigwanisho vyinshi, avuga ko ""ubusumbane bukomeye"" hagati y'igisirikare c'Uburusiya n'ica Ukraine, ari yo mpamvu haba abapfa benshi ku ruhande rwa Ukraine. Yavuze ""ugusaba ibigwanisho bikomeye si ukwigirisha... ariko n'intumbero dukeneye gushikako uravye uko ibintu vyifashe ku rubuga."" Yongeyeko yuko Ukraine ikeneye ibigwanisho bitera rokete nyinshi ica rimwe biri hagati ya 150 na 300 kugira babangabanganwe n'Uburusiya - igitigiri kinini batari bwigere baronka gushika ubu. Podolyak yavuze kandi ko ibiganiro vy'amahoro bishobora gusubira mu gihe gusa Uburusiya busubije uturere bwigaruriye kuva buteye ico gihugu itariki 24 z'ukwezi kwa kabiri. Igitigiri c'abasirikare bari hagati 100 na 200 ba Ukraine bapfa buri musi kiri hejuru cane n'ivyahora bigereranywa. Ku musi wa kane, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Oleksii Reznikov, yavuze ko Ukraine ibura abasirikare 100 buri musi, abandi 500 bagakomereka. Uko gutanga ibiharuro bitandukanye vyerekana ingene bitoroshe kuronka inkuru nyazo ziva ku rugamba. Uretse uko gutakaza abantu benshi, Reznikov yemeza ko igitigiri kinini c'abasirikare na bo bicwa. Reznikov agira ati: ""Uburusiya bubandanya guhangana n'abantu benshi n'inguvu nyinshi kandi buratakaza abantu benshi."" ""Ariko buguma bufise inguvu zo gutera intambwe ku rugamba mu turere tumwe tumwe."" Muri ico gihe nyene, umukuru w'intara ya Luhansk yavuze ko abarusiya ""bariko barapfa nk'isazi"" ariko akanasubiramwo ivyavuzwe na Podolyak ko Ukraine ihanganye n'ingorane ""zikomeye cane"" z'ibura ry'ibirwanisho bikomakomeye. Abarusiya bariko bashira inguvu nyinshi mu bitero vyo ku gisagara ca Severodonetsk. Ku musi wa gatatu, prezida Zelensky yavuze ko ""kazoza ka Donbas kariko kararondererwa ngaho"" kandi abategetsi bavuga ko iyo ntara yahinduwe umunyota n'ibitero bikomeye vy'Uburusiya vyiganjemwo za Misile. Kuri izo ntambara, hiyongeyeko abagwanyi b'abongereza babiri hamwe n'umunye Maroc bagwana ku ruhande rw'igisirikare ca Ukraine baciriwe urubanza rwo gupfa ku musi wa kane na sentare itemewe n'amakungu y'iciyita Republica y'abanyagihugu ya Donetsk. Bagiriwe n'icaha co kuba abacangero no ""gufata ibigwanisho bagamije gufata ubutegetsi ku nguvu.""" https://www.bbc.com/gahuza/articles/c7283gnglz5o +politics Cote d'Ivoire: Laurent Gbagbo yasubiye kugirwa umwere na ICC Igisata c'iyungururizo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, cemeje kugirwa umwere kwa Laurent Gbagbo, yahoze atwara Cote d'Ivoire yari yaragirijwe ivyaha bikorewe zina kiremwa muntu. Bwana Gbagbo niwe mukuru w'igihugu wa mbere yarengutse imbere ya ICC, akaba yarejejwe ivyaha bijanye n'ubwicanyi, bwabaye haraciye imyaka cumi, bwakurikiye amatora muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika. Ariko ubushinjacaha bwarunguruje kuri iyo ngingo buvuga yuko, naho habaye amakosa mu mburano, kwagirwa n'icaha kwa Bwana Gbagbo kwari kwerekanywe ata gukekeranya. Bwavuze yuko impapuro zishika ku bihumbi hamwe n'ivyabona 96 vyatanze ubuhamya muri sentare, vyerekanye ko uwo mugabo yagirwa n'icaha. Bwana Ggagbo w'imyaka 75 ubu yari acumbikiwe mu Bubigiri nyuma yo kwezwa bwa mbere na ICC mu 2019, akaba yizeye guca atahuka muri Cote d'Ivoire mu gihe kwunguruza kw'ubushinjacaha kwabaye ubusa. Mu mwaka uheze haradutse itana mu mitwe ryaguyemwo n'abantu, igihe mukeba w'igihe kirekire wa Bwana Gbagbo ari we Alassane Ouattara, yatangaza ko azosubira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu. Ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2010 bwatanguye igihe Laurent Gbagbo, yari amaze imyaka cumi ku butegetsi, yanka kwemera ko yatsinzwe mu gihe yemenga ko ari we yari yatsinze. Yaje gufatwa n'inteko za ONU zifatanije n'iz'Ubufaransa, bamusanze mw'ihoteri yari yinyegejemwo we n'umugore wiwe Simone Gbagbo, aca ajanwa i La Haye kuri ICC. https://www.bbc.com/gahuza/56595834 +politics Afghanistan: Aba Taliban babujije abagore kwiga kaminuza "Aba Taliban babujije abagore kwiga amakaminuza muri Afghanistan, ingingo yiyamirizwa n’amakungu mbere yateye n’umwikomo mu rwaruka muri ico gihugu. Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza yatangaje iyo ngingo isubiza inyuma igihugu ejo ku wa kabiri, avuga ko yategerezwa guca ija mu ngiro ubwo nyene. Iyo ngingo ije gusubiza inyuma gusumba indero ku bagore -  mu gihe abakobwa bari bamaze kubuzwa kwiga amashure yisumbuye kuva aba Taliban bagarutse ku butegetsi mu mwaka uheze. Kuno uno wa gatatu, hari abagore bamwe bateguye imyiyerekano ku mugwa mukuru Kabul Abagore bahurikiye mw’ishirahamwe Afghanistan Women's Unity and Solidarity bavuga bati: “Uno musi twihaye amabarabara ya Kabul kugira ngo twerekane akababaro kacu ku ngingo yo kwugara amashure ya kaminuza ku bakobwa”. Ariko iyi myiyerekano yarimwo abantu bake yatujijwe vuba bwango n’abategetsi b’aba Taliban. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ibihugu bitari bike biriyamiriza iri tegeko, risubiza inyuma Afghanistan nko mu gihe c’ubutegetsi bwa mbere bw’aba Taliban igihe abakobwa batari bemerewe kwiga amashure. Intumwa idasanzwe ya ONU muri Afghanistan avuga ko ari ""iyindi ntambwe inyuma isubiriye guhonyanga uburenganzira bwo kwiga kuri bose ibandanya irondera gufuta abagore mu mibereho ya Afghanistani”. Ku ruhande rwayo, Amerika iriyamiriza bikomeye ingingo z’aba Taliban, ikavuga ko iyo ngingo ""izogira ingaruka mbi ku ba Taliban”. Mw’itangazo, umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken , avuga ati: ""Aba Taliban ntibizere ko bashobora kwinjira mu muryango mpuzamakungu igihe cose batazoba barubahiriza uburenganzira bw’abanya-Afghanistani bose. ""Nta gihugu gishobora gutera imbere mu gihe inusu y’abanyagihugu baco bakibohewe amaboko imugongo”. I Kabul, abanyeshure b’abakobwa na bo nyene babwiye BBC akababaro kabo. Umwe yiga kuri kaminuza ya Kabul agira ati: ""Barasambuye ikiraro conyene compuje na kazoza kanje. ""None nogira gute? Nari nizeye ko nari kwiga ngahindura kazoza kanje canke bikambera umuco mu buzima bwanje, ariko bagisambuye”. Uwundi nawe yabwiye BBC ko ari “umugore yatakaje vyose”. Yahoze yiga amategeko ya Islam, Sharia – akavuga ko amabwirizwa y’aba Taliban ateye kubiri “n’uburenganzira Islam na Allah baduhaye”. Abwira BBC ati: “Ni ngombwa ko baja mu bindi bihugu vya ki-Islam kugira ngo babone ko ibikorwa vyabo atari ivya Islam”. Ibihugu vy’uburengero bimaze umwaka wose bisaba aba Taliban gukomeza indero y’abagore nimba bashaka kwemerwa ku mugaragaro nka reta ya Afghanistan. Hagati aho, mu gihugu kibanyi ca Pakistan, umushikiranganji w’imigenderanire yavuze ko ababajwe n’iyi ngingo y’aba Taliban. Bilawal Bhutto Zardari  ati: ""Ndacibaza ko inzira yoroshe kugira dushike ku ntumbero yacu – n’aho hari inzitizi nyinshi ku nyigisho y’abagore no ku bindi – ni uguca kuri Kabul no kuri reta mfatakibanza”. Aba Taliban bari bemereye abanyagihugu ubutegetsi bugenza buhoro inyuma y’aho bafatiye ubutegetsi mu mwaka uheze inyuma y’aho Amerika itahukaniye ingabo zayo. Ariko Aba ba-Islam bagendera ku vyiyumviro bikaze vya Islam babandanije basubiza inyuma uburenganzira bw’abagore n’ubwigenge mu gihugu. Umutegetsi w’aba Taliban Hibatullah Akhundzada n’abo bafatanije kurongora igihugu ntibigeze berekwa indero igezweho yo mu mashure – canecane ku bakobwa n’abagore. Bamwe mu bategetsi biyoroheje ntibashigikiye iyi ngendo, abahinga bakavuga ko iki kibazo cabacanishijemwo muri uno mwaka wose. Hamwe n’ivyo, ejo ku wa kabiri ubushikiranganji bw’indero bwavuze ko abahinga babwo bihweje intunganyo y’ivyigwa vya kaminuza n’uburyo bigamwo, hanyuma bafata ingingo ko abakorwa bahagarikwa vy’agateganyo “gushika hatunganijwe uburyo bwiza”. Buvuga kandi ko vuba buzotanga iyo nteguro kandi ko “abanyagihugu batogira ubwoba”.. Hagati aho, mu kwa gatatu, aba Taliban bari bemeye gusubira kwugurura amashure yisumbuye amwe amwe y’abakobwa ariko mu nyuma barabihagarika ku musi nyene bari biteze gusubira kw’ishure. Iri totezwa kandi rikurikiye urukurikirane rw’ayandi mabwirizwa yo gukumira abagore mu mezi aheze. Mu kw’icumi na rimwe, abagore barabujijwe kuja mu bibanza vy’ihuriro, mu mazu y’ukwinonora imitsi hamwe no mu bwogero rusangi ku mugwa mukuru. Umwigisha wa kaminuza akongera akaba n’umwe mu banya Afghanistan baharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu avuga ko aba Taliban barangije ingingo yabo yo gutaramura abagore mu kubabuza amashure kaminuza. Humaira Qaderi  yabwiye BBC ati: ""Iki ni co kintu ca nyuma aba Taliban bari basigaje gukora. Afghanistani si igihugu ku  bagore, ahubwo ni ikirunduru ku bagore”. Hari haciye amezi atatu aba Taliban bemereye ibihumbi n’ibihumbi vy’abakobwa n’abagore gukora ikibazo co kwinjira muri kaminuza hafi mu ntara zose z’igihugu. Ariko hariho ivyigwa batari bemerewe gusaba kwiga, aho nk’ivyigwa vy’ubufundi, ubutunzi, ubuganga bw’ibitungwa n’uburimyi vyari bibujijwe, mugihe kandi ivyigwa vy’ukumenyesha amakuru bibujijwe cane rwose. Imbere y’iyi ngingo y’ejo ku wa kabiri, amashure kaminuza yari yamaze gushiraho amategeko akumira abagore kuva aba Taliban bafashe ubutegetsi mu 2021. Hari ubwinjiriro n’amasomero bitandukanye ufatiye ku gitsina, kandi abanyeshure b’abakobwa bategerezwa gusa kwigishwa n’abigisha b’abagore canke abagabo bashaje. Ubutunzi bwa Afghanistani ahanini bugendera ku mfashanyo mpuzamakungu kuva mu myaka mirongo iheze, ariko amashirahamwe y’abagiraneza hamwe hamwe yagabanije - ariko ahandi arakuraho burundu -    imfashanyo yatanga mu gisata c’indero inyuma y’aho aba Taliban bankiye kwemerera abakobwa kwiga amashure yisumbuye. Abigisha benshi barataye baromoka inyuma y’aho ingabo zari zirongowe na Amerika ziviriye muri ico gihugu, nayo muri uno mwaka abigisha benshi bakaba baramaze amezi atari make badahembwa." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cw5v553v3k1o +politics Umudemocrate Bernie Sanders ariyamiriza Uburusiya buvugwa ko bushaka kwivanga mu matora ya Amerika "Bernie Sanders asanzwe ariko arwanira guserukira umugambwe w'aba Democrates mu matora yo muri Amerika ariyamiriza Uburusiya buvugwa ko buriko burondera kumufasha mu myiyamamazo, aho abubwira ati ""reka kwivanga mu matora ya Amerika"". Ejo ku wa gatanu, Bwana Sanders yavuze ko abategetsi ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika bamubwiye mu kwezi guheze ko Uburusiya bwari mu twigoro two kumufasha mu myiyamamazo yiwe. Ari mu ntara ya California, Bwana Sanders avuga ko bitaboneka neza ingene Uburusiya bwashaka kwivanga muri ayo matora. Ariko, uyo mukenguzamateka w'imyaka 78 akomoka mu ntara ya Vermont akaba ariko arondera guhangana na Perezida Donald Trump yariyamirije bikomeye uwo mugambi w'Uburusiya. Yagirije Perezida Vladimir Putin w'ico gihugu ko ari ""umutegetsi akoresha igikenye"", ko leta yiwe ""ikoresha imbuga ngurukanabumenyi mu gushaka kubiba amacakubiri mu gihugu cacu"". Ati: ""Hinge twumvikane, Abarusiya bashaka guhuvya intwaro rusangi ya Amerika mu kuducamwo ibice. Jewe rero simeze nk'uyu mukuru w'igihugu, ndiyamirije nshimitse iyo migambi yabo hamwe n'igihugu ico ari co cose coshaka kwivangha mu matora yacu"". Bwana Sanders asanzwe yiyita ko ashaka intwaro rusangi ishingiye ku matwara y'abasosiyaliste, niwe aboneka ko ari imbere mu bariko baharanira guserukira umugambwe w'aba Democrates mu matora y'umukuru w'ico gihugu. Hagati aho, Facebook ivuga ko ata cemezo na kimwe iratora cerekana ko Uburusiya buriko burondera gufasha Sanders mu myiyamamazo yiwe. Ejo ku wa gatanu, ikinyamakuru Washington Post cavuze ko Perezida Trump wa Amerika hamwe n'abashingamateka b'ico gihugu baronse amakuru avuga ko Uburusiya bwariko bushaka gufasha Bwana Sanders. Ku rundi ruhande, abategetsi bakuru bo mu rwego rw'igendereza bazi ko Uburusiya buriko burarondera kwivanga mu matora ya Amerika mu gushaka gufasha Perezida Trump ngo atsinde amatora. Umurwi ujejwe igendereza mu nama nshingamateka mu kanama kayo ko ku wa 13 z'uku kwa kabiri wamenyeshejwe ko Uburusiya bwipfuza ko Bwana Trump ari we yotsinda ayo matora. Mu gihe yariko yiyamamaza mu ntara ya Nevada ejo ku wa gatanu, Perezida Trump yavuze ko ibivugwa y'uko Uburusiya buriko bwivanga mu matora vyari ""ibihuhua"" vyatangujwe n'abademocrates. Ati: ""Ndabira izi mburakimazi, aba Democrates ataco bafise bakora, uno munsi bavuze ngo Putin ariko akora ibishoboka vyose ngo Trump atorwe. Murumva ivyo bintu !"" Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Kremlin, birahakana ayo makuru bikavuga ko ata shingiro afise. Umuvugizi wavyo, Dmitry Peskov, yabwiye abanyamakuru ko ari ""amajambo y'ubwoba"" ashingiye ""ku binyoma gusa"", nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters." https://www.bbc.com/gahuza/51595955 +politics Ingwano muri Ukraine: Abanyeshure b'abanya-Africa batekewe n'ubwoba muri Kherson yifatiwe n'Abarusiya "Abanyeshure b'abanya-Afrika bashika 100 baratakamba basaba gufashwa kugira bave mu gisagara ca Kherson kiri ku kivuko muri Ukraine, inyuma y'indwi zirenga zibiri cifatiwe n'ingabo z'Uburusiya. Binyegeje mu vyumba vyo guhungiramwo ama bombe mu buraro bwa kaminuza mu bukonje bwinshi cane, ntihagira uburyo bwo gususurutsa inzu kandi ntibaronka n'imiti. Bavuga ko bahahamutse kandi bifuza cane icobakura muri ico gisagara. Umwe mu banyehure yabwiye BBC ko bacumva urwamo rw'amasasu n'ama bombe n'indege za gisirikare. Urwo rushobora kuba ari urwamo rwo ku rugamba mu gihe ingabo z'Uburusiya ziguma zisunika zija mu buraruko zerekeza igisagara ca Mykolaiv. Abanyeshure b'abanya-Nigeria bari muri abo baratakambiye reta yabo ngo ibafashe kuvayo amazi atararenga inkombe. Babwiye BBC ko bari mu banyamahanga ba nyuma bakiri muri ico gisagara. Umwe muri abo banyehure yabwiye BBC kuri terefeone ati: ""Turatakamvye, n'ukuri turakeneye kuva muri iki gisagara, ibintu ntibitworoheye namba."" Ntitubavuga amazina ku mvo z'umutekano wabo. Reta ya Nigeria ivuga ko iriko irakora ibishoboka vyose kugirango ibavaneyo. Ku ndwi iheze uwuyiserukira i Moscou yabwiwe n'umutegetsi w'Uburusiya ko hariko harategurwa umugambi w'ingene bovanwayo baciye mu Burusiya. Ariko ivyo ntibiraba gushika ubu kandi uko biri abo banyeshure bafise impungenge zo gushikanwa mu Burusiya. Hagati aho abo banyeshure, harimwo abava muri Cameroun, Ghana, Misiri, Tunisia na Maroc, bavuga ko kuri kaminuza ho hakiri ivyo kurya ariko ko mu masoko vyaheze. Aho bikiri naho, bigurishwa incuro zibiri canke zitatu igiciro vyahorako. Umwe mu banyeshure yavuze ati: ""Abari muri twebwe baba mu buraro bwa kaminuza bo baracafise amahirwe kuko mu buriro haracatangwa ivyo kurya."" Uwundi munyeshure yavuze ko ingabo z'Uburusiya zigenzura ico gisagara zirakororera hasi n'indege ivyo kurya nk'imboga, umuceri, n'amazi hafi y'inyubakwa za reta n'ibituro vy'ama tereni n'ama bus hirya no hino mu gisagara. Ariko abo banyeshure bavuga ko basabwe kudafata ivyo vyo kurya kugira abanya-Ukraine ntibabafate nk'uko boba ari ivyitso vy'Abarusiya. Yagize ati: ""Twokwemera gute kwakira imfashanyo y'Abarusiya igihe abanya-Ukraine bariko baragerageza kugaruza igihugu cabo? Uwokwubahuka kwerekana ko twakira izo ndya yoba ariko aradukwegera urupfu"". Amazi yo kumesa no gusukura inzu aracahari ariko ayo kunywa ntakiboneka cane. Amashirahamwe afasha aratanga amazi n'ivyo kurya ariko ntawuzi gushika ryari ivyo bizokorwa. Kherson kiri mu bisagara vya mbere bikomeye vyafashwe n'Uburusiya mu ndwi ya mbere y'igitero, kuva ico gihe abahaba bakaba baguma bagira imyiyerekano ku kwiyamiriza Abarusiya. ""Twaje muri iki gihugu tuzanywe no kwiga amashure none turi hagati mu ntambara, aho iriko irabera nyenizina."" ""N'ubwo twebwe ubwacu ata ntambara turabona, abanya-Ukraine tuvugana batubwiye ko batarota bashira ibigwanisho hasi. Bashaka kugaruza igisagara cabo, hanyuma igihugu cose."" Uwo munyeshure avuga kandi ko ingabo z'Uburusiya zanse ko indya zizanwa mu gisagara zivuye mu bindi bice vy'igihugu mu gutinya ko abasirikare ba Ukraine bokwikika mu kiza bakagaruka muri Kherson kugwana. Abategetsi ba kaminuza babagiriye inama ko baramutse bihevye bakaja hanze bongenda mu migwi, no kwibohera igitambara cera haruguru y'inkokora y'ukuboko kw'ukubamfu kugira Abarusiya babone ko ari abanyagihugu basanzwe (aba Civil). Umwe yavuze ko abasirikare b'Uburusiya bababwiye ko amategeko bafise ari ""kurasa uwo wese yigenjeje nabi - kumurasa ubwo nyene"". Abanyeshure ibihumbi n'ibihumbi baturuka muri Afrika na Asia y'ubumanuko bariga muri kaminuza za Ukraine imbere y'uko Uburusiya butera ico gihugu. Ubu bamwe bariko baragerageza kubandanya ivyigwa mu bihugu bibanyi mu gihe abandi ubu batashe mu bihugu vyabo. Ariko ku bari muri Kherson, birabangamye kugerageza kwigwanako ngo bave muri ico gisagara, n'ubwo hari abironderera amataxi yo kubavanayo. ""Abagerageje kwivana bonyene muri Kherson n'ukugereza ku buzima bwabo"", nk'uko bivugwa n'umwe mu banyeshure. ""Hari umunsi usanga abasirikare b'Uburusiya bavyukanye umutima mwiza bakubwira neza gusubira inyuma. ""Hari abandi bakara - baca barasa mu kirere mu buryo bwo ku kubwira ngo subira iyo uvuye.""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60831079 +politics Rwanda: Kagame avuga ko ashobora kwitoreza ikiringo kigira kane nk’umukuru w’igihugu "Inyuma y’imyaka irenga 20 ari ku butegetsi, umukuru w’igihugu c’u Rwanda avuga ko azokwihweza ko yobandanya yitoza ngo arongore iki gihugu mu yindi myaka 20. Paul Kagame yemereye imboneshakure y’Abafaransa ko ashobora gusubira kwitoza mu matora yimirije mu 2024. Mu  2015 yahinduye ibwirizwashingiro, rikaba rimuha uburenganzira bwo kuguma ku butegetsi gushika mu 2034. Mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka haraciye imyaka itanu, ibiharuro bitangwa bivugwa ko yatsinze ku rugero rwa 99% vy’amajwi yose, ivyo abenshi mu bari hanze y’igihugu babona nk’amanyanga. Abajijwe nimba azosubira kwitoza, Perezida Kagame, ubu afise imyaka 64, avuga ati: ""Nzokwihweza ko nokwitoza no mu yindi myaka 20. Jewe nta ngorane mfise kuri ico. Amatora ni abanyagihugu bahitamwo”. Umuyobozi wa Human Rights Watch muri Afrika yo hagati, Lewis Mudge, yabwiye BBC ati ""Igitangaje ni uko abantu bamwe batangara"". Ati: ""Urwanda ni igihugu aho kizira kikaziririzwa kuvuguruza reta…tureke kuba uwutavuga rumwe muri poritike…kandi ubu butegetsi bw’agahotoro buzobandanya no muri kazoza ka hafi”. Umwe mu banyarwanda bakomeye anegura u Rwanda yanakoresheje amajambo akomeye. Charles Kambanda , umunyamategeko akaba n’umwigisha wa kaminuza ubu aba muri Amerika, yabwiye BBC ati: ""Mu gihe yobandanya iyindi myaka 20, u Rwanda ruzoba umuriro udahera”. Kambanda avuga ko Abanyarwanda basanzwe baba mu bwoba, mbere avuga ko abashikiranganji barenga umwe bamubwiye ko baguma muri reta kuko batinya ko bohava bicwa mu gihe boyivamwo. Hagati aho, Perezifa Kagame yarashigikiye cane intambwe Urwanda rugezeko mu bijanye n’agateka ka zina muntu, igihe haba ikoraniro rya Commonwealth ku mugwa mukuru Kigali muri Ruheshi (6). Amezi make imbere y’aha, ni ukuvuga mu kwa kane, Ubwongereza bwatangaje integuro itabonwa kumwe yo kurungika mu Rwanda bamwe mu basaba ubuhungiro binjira ku butaka bwabwo, kugira Basabe ubuhungiro muri iki gihugu co muri Afrika y’ibiyaga binini. Iyi ngingo yariyamirijwe n’ishirahamwe ONU riyigereranya “n’urudandaza”, ariko ibiro vy’umushikiranganji wa mbere vyiyemeje kubandanya n’uwu mugambi n’aho Boris Johnson agiye kugenda. Perezida Kagame ari mu butegetsi kuva mu 1994, inyuma y’aho umuhari wa FPR-Inkotanyi - ubu ukaba ari wo mugambwe uri ku butgetsi -  ufatiye igihugu mu 1994 inyeshamba zawo yari arongoye zibanje gutuza jesonide. Ico gihe yabaye icegera c’uwari umukuru w’igihugu Pasteur Bizimungu yahavuye atanga imihoho mu 2000, Paul Kagame agaca amusubirira, kuva ico gihe akaba ari we aramutswa igihugu. Perezida Kagame aboneka nk’umutegetsi yashikanye igihugu kw’iterambere rikomeye kuva shitse ku butegetsi, ariko abamunegura bavuga ko abandanya kwifatira mu minwe ico babona nk’ubutegetsi bw’agahotoro." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c72jgnl2er5o +politics Umuhungu wa Joe Biden ashobora gukurikiranwa ku vyaha bijanye n’amakori "Na Bernd Debusmann Jr BBC News, Washington Ikigo c’igendereza ryo hagati muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika FBI gifise ivyemezo bikwiye kugira ngo birengutse Hunter Biden ku vyaha bijanye no kunyegeza ikori hamwe no gutanga insiguro z’ibinyoma mu ntumbero yo kugura inkoho, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika. Uyu muhungu wa Perezida Joe Biden amaze igihe akorwako amatohoza kuva mu 2018. Ingingo yo kumwugururira dosiye mpanavyaha ubu iri mu minwe y’umushikirizamanza mukuru muri reta ya Delaware. Umushingwamanza wa Hunter avuga ko ata mutegetsi wo mu rwego rw’igendereza yigeze amwegera. Abandanya ahakana ko ata mategeko yahonyanze. Igisata ca Amerika kijejwe ubutungane canse kugira ico kibivuzeko. Hunter Biden w’imyaka 52 ni umunyamategeko akaba n'umuntu uvuga rikumvwa yakoreye hanze, harimwo mu Bushinwa no muri Ukraine. Mu 2014 yarasezerewe mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi bamaze gusanga yaranyoye ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa kokayine (Cocaine). Nk’uko vyandikwa na Washington Post, abajejwe igendereza ku rwego rw’igihugu batanguye kumugirako amatohoza mu 2018, mu ntango aya matohoza akaba yashingiye ku mafaranga yakoresha mu bikorwa vyiwe yakorera mu mahanga. Inyuma y’imisi, amatohoza yatanguye kwibanda ku kumenya nimba Hunter yaramenyesheje amatungo yiwe akanatanga insiguro z’ibinyoma mu mpapuro ziwe yakoresheje mu kugura inkoho mu 2018. Mu gitabo casohowe umwaka uheze, yaremeje ko yari akinywa ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa kokayine ico gihe. Ariko Washington Post yandika ko yavuze ngo “oya” kw’ifishe (fiche) y’igihugu yamubaza nimba “yarakoresha ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa marijuana, canke ikindi kiyayuramutwe ico ari co cose camutwara ubwenge”. Ibirego mpanavyaha bifise inkomoko ku binyoma biri kw’ifishe yo kugura inkoho bibandanya biba imbonekarimwe kandi bigaharurwa mu majana buri mwaka. Mw’itangazo ryarungikiwe CBS, umushingwamanza w’uyu muhungu wa Perezida wa Amerika avuga ko yiteze y’uko igisata kijejwe ubutungane “kizokora amatohoza ataho gihengamiye congere kiburanye” abo bose basohoye amabanga ku bijanye n’iri tohoza. Itangazo ry’umushingwamanza Chris Clark rivuga riti: “Nk’uko ari nkenerwa kandi bisabwa n’amategeko, twizeye ko abashikirizamanza muri runo rubanza bariko barihweza mu bwitonzi bwinshi, atari ivyemezo bitangwa n’abajejwe igendereza gusa, ariko kandi n’ibindi vyabona muri iyi dosiye, harimwo ivyabona vy’uwuburanywa”. ""Iki ni igikorwa c’abashikirizamanza. Ntibategerezwa guterwa igitsure, kwihutishwa canke ngo banengwe kubera bariko barakora ico bajejwe”. Clark yongerako y’uko atigeze avugana n’umuntu n’umwe mu bariko barakora amatohoza. Avuga ko inkuru iyo ari yo yose yatanzwe n’abajejwe amatohoza – yavuzwe na Washington Post, ari nayo yasohoye ubwa mbere iyi nkuru – yari “ihengamye, y’uruhande rumwe kandi ntiyari iy’ukuri”. Hunter Biden amaze igihe kitari gito agenzurwa n’abo ku ruhande rw’aba Conservateurs/Conservative basanzwe bavuga ko ibikorwa vyiwe vy’ubucuruzi akorera mu mahanga vyuzuye ibiturire. Abarepubulikani bariyemeje kumukorako amatohoza mu nama nshingamateka mu gihe boronka intebe nyinshi mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka yimirije mu kwezi kuza. Mu gihe Hunter Biden yemera ko ubuzima bwiwe bwabayemwo ibibazo kandi ko yigeze kunywa ibiyayuramutwe, yaba se wiwe canke we nyene, bompi barahakana ko ata bikorwa biteye kubiri n’amategeko yagiyemwo. Yemeye ubwa mbere ko yari azi ko hari amatohoza ariko arakorwa mu kw’icumi na kabiri 2020. Mw’itangazo, Hunter yari afise icizere ko “isuzumwa ry’abahinga kandi ataho ryegamiye muri ibi bintu rizokwerekana neza ko nakoze ibikorwa vyanje mu nzira nziza kandi nkurikije amategeko, ndabifashijwemwo n’abahanuzi b’abahinga mu bijanye n’amakori”. Mu kwa kane, umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu Joe Biden, Ron Klain, yavuze ko umukuru w’igihugu ""yizeye ko umuhungu wiwe atigeze ahonyanga amategeko”, ariko ko ari igikorwa kiraba igisata c’ubutungane kandi ko ibiro vy’umukuru w’igihugu bidashobora kuvyivangamwo. Mu 2018, Hunter Biden yarakozweko amatohoza inyuma y’aho uwari umukunzi wiwe ico gihe ataye inkoho yiwe mu gikapu c’imyanda hafi y’ishure, nk’uko vyavuzwe n’ibinyamakuru vya Amerika. Abakozi bo mu gisata c’igendereza bavugwa ko baciye baseruka, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Politico, mu kugendera iduka rya Delaware yari yaguriyemwo iyi nkoho mu ntango z’uko kwezi baca basaba ko baronswa ifishe yerekana kahise kiwe. Nyene iyo duka y’inkoho yaranse kubaha izo mpapuro, nk’uko vyandikwa n’iki kinyamakuru co ku rubuga ngurukanabumenyi kandi nta vyaha yagirijwe." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c030wp10782o +politics MTN iragirizwa guha ibiturire aba Talibani na Al-Qaeda "Ikompanyi nkuru ya terefone ngendanwa muri Afrika, MTN, iragirizwa ko yoba yarahaye imirwi y'abarwanyi bagendera kuvyiyumvira bikaze vya Isilamu muri Afghanistani amahera mu kwikingira. Ivyo birego vyatanzwe mu rubanza rwugurujwe ku wa gatanu muri sentare ya Amerika bivuga ko iyo kompanyi yahonyanze amategeko ya Amerika arwanya iterabwoba. Urwo rubanza rwugurujwe kw'izina ry'imiryango y'abanyamerika bishwe mu bitero vyo muri Afghanistani. Hari n'ayandi makompanyi atanu avugwa muri urwo rubanza. Muri urwo rubanza, MTN iregwa ko yahaye ibiturire Al-Qaïda hamwe n'abarwanyi b'aba Talibani mu ntumbero y'ukurondera kubungabunga umutekano w'iminara yayo. Ayo mahera avugwa yarafashije mu migumuko yateguwe n'aba talibani, yatumye haba ibitero muri Afghanistani hagati ya 2009 na 2017, nk'uko ivyo birego bivuga. Ayo mahera yoba yarafashije ""imirwi y'iterabwoba izwi mu vyo uburyo"", ivyahonyanze amategeko yerekeye kurwanya iterabwoba. Iyo kompanyi yo muri Afrika y'Epfo yemeza ko yoyo ibandanya ikora ibikorwa vyayo ""mu buryo bwemewe n'amategeko mu bihugu vyose ikoreramwo"". MTN niyo kompanyi ya mbere ikomeye ya terefone ngendanwa muri Afrika, ikagira umunani ku rwego rw'isi, ikaba ifise abanywanyi imiliyoni 240. Mu 2015, abategetsi ba Nigeria baraciriye iyo kompanyi ihadabu rya miliyari zitanu zirenga z'amadolari y'abanyamerika kubera yiyobagije guca ama karata sim yayo atari yanditswe. Ico gihano cagihe kugabanywa gushika kuri miliyari 1.7 habanje kuba impari ndende, hanyuma n'uwari umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Jacob Zuma na we nyene arafasha. Mu kwa kabiri kw'umwaka uheze, uwahoze aserukira ico gihugu muri Irani yarahagaritswe ku mugwa mukuru Pretoria, yagirijwe ko yariye igiturire kugira afashe MTN kuronka uruhusha rwa miliyari 31.6 rwo gukorera muri Irani." https://www.bbc.com/gahuza/50963905 +politics "Joe Biden: ""Ivyiyumviro vya Trump birageramiye demokrasi ya Amerika""" Abashigikiye umugambi wa Trump “Make America Great Again” (Maga) barageramiye demokrasi, vyaraye bivuzwe n’umukuru wa Amerika Joe Biden. “Abashigikiye Maga bashaka gusubiza iki gihugu inyuma,” niko Biden yavuze mw’ijambo yashikirije mu gihe tevelivison iba iriko irarabwa n’abantu benshi cane, akaba yari muri Pennsylvania. Umukuru w’aba-Republicain (umugambwe wa Trump)  Kevin McCarthy, nawe yarashikirije ijambo ryiwe, avuga ko Biden “yakomerekeje cane umushaha wa Amerika”. Ayo majambo abiri abangabanganwa yavuzwe mu gihe hasigaye amezi abiri ngo habe amatora yo hagati mu kiringo (mid-term canke mi-mandat) , amatora avamwo kubona ingene ubwiganze bumeze mu butegetsi bwa Washington. Prezida wa Amerika ijambo ryiwe yarishikirije ku wa kane mw’ijoro ari ahitwa Independence Hall muri Philadelphia, ahashiriwe umukono kw’itangazo ry’ukwikukira kwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Yagarutse ku civuga ciwe co mu matora yo mu 2020 co kugarukana ”umushasha wa Amerika”. Yavuze ko  atiyamiriza Abanyamerika bose bashika miriyoni 74 batoye Trump haraheze imyaka ibiri. Yavuze ati:  “Umu-Republicain wese si umu-Maga, mbere n’ubwiganze bw’aba-Republicain si aba-Maga”. Yabandanije ati: “Ariko si ivyo kubaza,  ubu umuganbwe w’aba-Republicain wifatiwe kandi   ugoswe na Trump n’aba-Maga, ivyo rero birageramiye igihugu.” Biden yavuze ko abashigikiye Trump bibaza bibaza ko abateye Capitol mu mwaka uheze ari abakunda igihugu aho gufata ko ari abagumutsi. Yabandanije ati: “Mu  gihe kitari gito, twagumye twibaza ko demokrasi ya Amerika ataho ikija. Ivyo si vyo. Dutegerezwa kuyirwanira. Kuyikingira. Tukayihagararira. Umwe umwe wese muri twebwe.” Yishura, Trump yashigikiye icivugo ciwe ca Maga  hanyuma avuga ko umukeba wiwe ari we “ageramiye Amerika”. Mu gihe cose Biden yariko arashikiriza ijambo, hari umuntu yagumye avuza inzamba, nk’uko bivugwa n’umunayamakuru wa BBC yari ahari. Prezida Biden yagize ico abivugako kabiri, irya kabiri avuga ati :” Bafise uburenganzira bwo kurakara. Iyi ni demokrasi.” Biden yashitse ku butegetsi avuga ko aje kwunga igihugu, agize igihe yakajije imvugo yiwe ku bashigikiye Trump. Ku ndwi iheze, Biden yagereranije ico yise aba-Republicain bakaze no  kuba begeranye na “faschism”. McCarthy, arongoye aba-Republicain ubu badafise ubwiganze mu nama nshingamateka, yari yavuze imbere, ari mu gisagara c’amavukiro ca Biden ca Scranton muri Pennsylvania. Uwo mushingamateka wo muri California yavuze ko umukuru w’igihugu “yahisemwo gucanishamwo, gutesha agaciro benewewabo b’abanyamerika”. “Kubera iki? Ni ukubera batemera imigambi yiwe. Ubwo si uburongozi.” Yasavye Biden “gusaba imbabazi ku kwambika ibara miriyoni z’abanyamrika mu kubita aba-faschist”. Umukuru w’aba-Republicain yavuze ko ubutegetsi bwa Biden bwatumye abanyamerika bugarizwa n’iduga ry’ibiciro, imbibe zuguruye, amashure yugawe mu gihe ca Covid aguhangabanya ivyigwa vy’abana, ukuva muri Afghanistan kwabaye mu kajagari , hamwe n’ubwicanyi mu gihugu kuruta ikindi gice cose mu myaka 20. Yabandanije ati: “Mu myaka ibiri iheze, Joe Biden yarabbaje umushasha wa Amerika, abanyagihugu bayo, amategeko yayo, n’ingengagaciro za mbere ntakorwako. Yarababaje, imigambi yiwe yarakomerekeje cane umushasha wa Amerika, isubiza hasi agatima ka Amerika kandi arahemukira icizere ca Amerika. Trump nawe yongereje ikineguro kw’ijambo rya  Biden mu butumwa yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe. Yanditse ati: “Niba adashaka gusubiza Amerika kuba igihangange, ivyo navyo mu majambo, mu bikorwa, mu vyiyumviro akaba atabishaka, aho rero nta nkeka ntakwiye kuva ahagarariye  Reta Zunze za Amerika.” Ariko abitaba amatora bavuganye na BBC mu gisagara gitoya ca Newfoundland ku 190km mu buraruko bw’aho Joe Biden yavugiye ijambo, nta mpungenege berekanye zo kuba demokrasi igeramiwe nk’uko yabivuze. Igiciro c’ibitoto niwo wari umwitwarariko w’abanyamerika aho bari mw’ihayanishwa muri iyo ntara. Abanyamerika benshi berekanye ubudasa bw’ubutunzi mu gihe ca Trump n’ubu. Ariko hari umuntu yavuze ko yabaye umu-Republicain ubuzima bwiwe bwose yavuze ko atazokwigera atora Trump canke abo bose azoba ashigikiye. Izina rya Trump nta na hamwe rizoba ryanditse ku mpapuro zo gutora, ariko kuba ahari ntibizohara. Mu mpera z’iyi ndwi niwe azoba arongoye ikoraniro rya poritike mu karere ka  Scranton. Benshi mu ba-Republicain bitoza  muri iyi ntara baronse amajwi yo kwitoza kubera bashigikiwe n’uwo yahora ari umukuru w’igihugu. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c6p5zj6vyeeo +politics Burundi-HCR : 'Amakungu ashigikiye igikorwa co gutahukana impunzi' - Filippo Grandi "Umukuru w'ishami rya ONU riraba impunzi Filippo Grandi avuga ko mu gihe akunze guhura n'ibibazo vyihuta vy'abahunga ibihugu vyabo, mu Burundi ho yasanze abataha kuko ''hari amahoro''. Bavuye ku mupaka w'Uburundi n'Urwanda wa Gasenyi/Nemba aho yajabukiye avuye mu Rwanda ku wa kabiri, Filippo Grandi n'abategetsi b'Uburundi bamwakiriye baciye baja Musasa muri Ngozi. Aho hari ikambi irimwo impunzi z'abanyekongo barenga ibihumbi umunani. Bagiye na Kinazi mu ntara ya Muyinga, ahari ikambi abarundi bahungutse bamaramwo igihe c'iminsi itatu imbere y'uko basubizwa mu ntara n'amakomine baturukamwo. Nihano hashikiye abarundi barenga 150 baje bazananye n'uwo mutegetsi wa HCR bahungutse bava mu Rwanda. Muri ico gihugu haracabarizwa impunzi z'abarundi zirenga ibihumbi 50. Abatari bake muri bo bivugwa ko muri iyi minsi biyandikishije ku bwinshi kugirango batahe mu gihe bugarijwe n'inzara kubera imfashanyo yo kubaho yagabanuwe gushika ku 60%. Umukuru wa HCR Filippo Grandi yamenyesheje ko amakungu ashigikiye uwo mugambi wo gutahuka. Ijambo ritegerezwa kuba ryakiriwe neza na reta y'Uburundi hari igihe yigeze kwagiriza HCR ko itorohereza abarundi bashaka gutaha. Filippo Grandi yagize ati: ""Akenshi nkuze guhura n'abari mu bibazo vy'abakeneye ubutabazi bwihuta... ni gake nsanga aho abantu bahunguka kuko mu gihugu cabo hari amahoro. ''Ndabakeje rero kuri iyo ngingo mwafashe yo guhunguka…. Ndi ngaha mu Burundi kandi kugira mbwire reta y'iki gihugu ko amakungu ashigikiye igikorwa co gutahukana impunzi."" Umushikiranganji w'Uburundi ashinzwe umutekano n'intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yakiriye uwo mutegetsi wa HCR, yahaye ikaze abari bahungutse n'abandi bose bari mu nzira baza. Abasaba gufaha urugamba rumwe gusa avuga ko Uburundi busigaranye, urugamba rw'ubukene. Yavuze ko ashaka kubashimira ko bumvise akamo k'umukuru w'Uburundi ''aho asaba y'uko abarundi n'abarundikazi bose bahunze igihugu kuza gufasha bene wabo kugira tuje muri rwa rugamba rumwe dusigaranye rw'ubukene. ''Urugamba dusigaranye muri iki gihugu, ni urugamba rumwe gusa, n'urugamba rw'ubukene"". Uburundi buracafise mu Rwanda, muri Tanzania, Congo na Uganda abarundi hafi ibihumbi 300 bahungiyeyo. Abahinga ba ONU n'imiryango iharanira agateka ka zina muntu mu minsi bagirije reta za Tanzania n'Uburundi kubangamira agateka k'impunzi muri Tanzania mu bikorwa birimwo kuzinyuruza, kizifunga no kuzitahukana mu Burundi ku gahato canke mu buryo bunyuranye n'amategeko. Uburundi nabwo burahaye indaro impunzi zishika ibihumbi 80 zigwiriyemwo cane cane abanyekongo, ku bw'ibiharuro bitangwa na HCR." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56904965 +politics Ethiopia - TPLF: Amakungu atewe impungenge n’indyane za Tigray zabaye ndanse Amakungu abandanya atera akamo ko intambara yo mu ntara ya Tigray igoswe n’ingabo za Ethiopia ihagarara. Ni mu gihe kuva mu misi mike iheze ibintu vyasubiye kwunyuka mu turere twinshi, harimwo Shire, igisagara gihaye indaro ibihumbi n’ibihumbi vy’abataye izabo. Ingabo za Tigray ziherutse kwagiriza igisirikare ca Ethiopia hamwe n’incuti zaco za Eritrea ko babandanya bacucagira amabombe hagati no hanze y’iki gisagara. Ishirahamwe ry’abatabazi International Rescue Committee rivuga ko umukozi waryo yari umwe mu basivire baherutse kwicigwa muri ico gisagara. Inyuma y’aho hasubiriye kwaduka indyane zigatuma utwigoro tw’ubutabazi muri iyo ntara dukwama kuva mu kwa munani, amashirahamwe y’ubutabazi aratera akamo atabaza ko izi ndyane zishobora gutuma ibintu biyangara kandi vyari bisanzwe ari bibi. ibiganiro vyari bitegekanijwe mu ndwi iheze mu ntumbero yo gutorera umuti izi ndyane zirangwa muri ino ntara yo mu buraruko bwa Ethiopia vyarungurijwe ku mvo z'uburyo. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, avuga ko atewe impungenge n’ingene ingwano zasubiye kuba ndanse, agasaba ashimitse ko zihagarara. Josep Borrell Fontelles ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya nawe avuga ko ababajwe cane n’indyane hamwe n’abasivire baterwa muri ico gisagara ca Shire. Addis Ababa ntaco iravuga ko aya majambo ariko imbere y’aha yahakanye ko idatera abasivire. Ku ruhande rwayo, mw’itangazo yasohoye ku wa gatandatu, Eritrea yavuze ko ivyo yagirizwa n’Ubumwe bwa Bulaya ko “ifise uruhara rwo gusambura” mu ntambara ya Tigray ko ari “ugutoteza n’ibigirankana abahitanwa n’iyi ntambara yahiswemwo na TPLF”. Umukuru w’ishirahamwe USAID  Samantha Power yanditse ku rubuga rwa Twitter uno musi ku wa Mungu avuga ko “ibitero vy’urudavagi” bikorwa n’ingabo za Ethiopia n’iza Eritrea, ndetse n’uko bishoboka ko iz’iki gihugu ca Eritrea “zishobora vuba kwigarurira ibigo vy’abasivire, biteye impungengen nyinshi”. Umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Anthony Blinken yateye akamo ingabo za Ethiopia n’iza Eritrea guhagarika “ibitero rusangi” vyavyo, ingabo za Tigray nazo “guhagarika ibikorwa vy’agasomborotso”. Ntibiboneka neza nimba Addis Ababa n’ingabo za Tigray bazosubira ku meza y’ibiganiro inyuma y’aho ibiganiro vy’intangamarara vyari bitegekanijwe gutangura mu ndwi iheze vyugururijwe ku mvo zivugwa ko ari iz’uburyo. Ariko umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe ikigega ca reta, Eyob Tekalign, aho ari muri kino gihe i Washington mu nama y’ikigega mpuzamakungu n’ibanki y’isi yose, avuga ko yizeye ko hazoba ibiganiro vy’amahoro mu “ndwi nkeya ziri imbere”. https://www.bbc.com/gahuza/articles/crgdd508d9eo +politics Roberta Metsola: Inama nshingamateka ya Buraya yatoye umukuru wa mbere akiri muto cane "Roberta Metsola yatowe nk'umuntu wa mbere akiri muto abaye umukuru w'inama nshingamateka ya Buraya, kandi akaba abaye umugore wa mbere agiye muri ico kibanza mu myaka 20. Madame Metsola, w'imyaka 43, azwi cane kuba aterekwa ivyo gukorora inda, yavuze yamara ko ashigikiye uburenganzira bw'abagabo canke abagore bagira imigenderanire mpuzabitsina n'abagabo canke abagore nka bo, abiyumva mu bitsina vyompi, n'abiyumva mu gitsina batavukanye (LGBT). Uwo mugore akomoka muri Malte agiye muri ico kibanza asubirira David Sassoli, yari afise imyaka 65, yapfuye mu ndwi iheze ahitanywe n'indwara ikomeye. Abaye umwe mu bagore batatu bafise ibibanza bikomeye cane mw'Ishirahamwe rya Bulaya inyuma y'umukuru w'urwego rutwara iryo shirahamwe (Commission Europeene), n'umukuru w'ibanki nkuru ya Buraya. Ariko igihe yariko arishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru ku wa kabiri, yabajijwe akarenga rimwe ku bijanye n'ingene asanzwe abona uburenganzira bw'abagore ku bijanye n'ukuvyara. Yaraneguwe ku buryo yagiye aratora kuri ico kibazo, kandi mu 2015, yifatanije n'abandi bashingamateka ba Buraya bakomoka muri Malte mu kuvuga ko ""bateye kubiri bashimitse n'ugukorora inda"". Igihugu gisanzwe ciganjemwo idini rya katolika, Malte nico conyenyene co mw'ishirahamwe rya Buraya gifise amategeko abuza rwose ugukorora inda. Ariko Madame Metsola yagumye ashimika ko azohagararira aho inama nshingamateka ya Buraya ihagaze kuri ico kibazo, aho guhagararira aho wenyene uko we asanwe abona ibintu. Yavuze ko iyo nama nshingamateka ""yasubiyemwo kenshi ko ubwo burenganzira bwokingirwa neza gusumba"". ""Aho mpagaze ni ahahagaze inama nshingamateka ya Buraya"". Uwo mugore asanzwe yize ivy'amategeko. Mu buzi yari amaze gukora harimwo kuba umujenama w'umunyaporitike w'umwongereza Baroness Ashton, ico gihe yari ajejwe poritike y'imigenderanire y'Ishirahamwe rya Buraya. Ariko amamuko yiwe yo muri Malte niyo yitaweho cane amaze gutorwa n'abashingamateka ba Buraya. Malte ni igihugu gifise abantu barenga gato 500.000 kikaba ari naco gihugu ca mbere gito mu bigize ishirahamwe rya Buraya. Yatangaye anezerewe igihe yabona abavukagihugu biwe aho abanyamakuru bakoranira I Strasbourg ati: ""Sinari bwabone abanya-Malte benshi gutya ngaha"". Yanaronse uwumusubiza kuko umwe mu banyamakuru yaciye avuga ati: ""Turagukeje. Nk'abanya-Malte turishimiye cane kuba watowe kuja muri ico kibanza c'iteka rikomeye."" Malte n'igihugu gisanganywe imigenderanire ya kahise n'Ubwomgereza, caronse intahe yo kwikukira mu 1964. Imigenderanire y'Ubwongereza n'Ishirahamwe rya Buraya ntiyoroshe kuva habaye Brexit n'ubwo umushikiraganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Liz Truss azwi kuba ariko aragerageza ko hoba ""ukuyisubiza ku ntango"". Umu-diplomate umwe wo mw'Ishirahamwe rya Buraya yavuze ko mu gihe Madame Metsola ashobora ""guhengamira gutahura Abongereza"", nta nzira nshasha azobaha ku migenderanire ifatiye kuri Brexit: ""Ashira imbere Uburaya. Ico azoshira imbere ya vyose ni Ishirahamwe rya Buraya"". Vyari kugorana ko atorwa kuba umukuru w'inama nshingamateka ya Buraya iyaba yari ameze ukundi uko ariko kwose kiretse uko." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60043226 +politics Intambara ya Ukraine: ibiraro vyose vyinjira muri Severodonetsk vyarabomowe Ibiraro vyose vyinjira mu gisagara ca Severodonetsk muri Ukraine vyarabomowe, nk’uko bivugwa na buramatari. Mu gihe iki gisagara ubu cazibiwe burundu, Serhiy Haidai avuga ko ivyo gufasha no guhungisha abasivire ubu ari ibinti bitagishoboka. Intambara zikomeye ziriko zibera muri ico gisagara aho abategetsi ba Ukraine bavuga ko amabombe y’Uburusiya yomoye ingabo za Ukraine hagati muri ico gisagara. Haraciye indwi zitari nke igisirikare c’Uburusiya kigerageza gufata Severodonetsk. Kwigarurira Severodonetsk hamwe n’ikindi gisagara vyegeranye ca Lysychansk bishobora gutuma Uburusiya bugenzura intara yose ya Luhansk, mu gihe ubu igice kinini cayo kiri mu minwe y’inyeshamba zishaka kwiyonkora kuri Ukraine zishigikiwe n’Uburusiya. Haidai yanditse ku rubuga rwa Instagram ko ibiraro vyose vyinjira muri Severodonetsk vyabomowe. Yongerako y’uko abanyagihugu basigaye  muri iki gisagara babayeho mu “buzima bubi cane”. Jordan Gatley yahoze ari mu ngabo z‘Ubwongereza ni umwe mu bahasize ubuzima bariko bagerageza kurwanira iki gisagara, nk’uko umuryango wiwe wavyemeje ku wa Mungu. Umukuru w’igihugu ca Ukraine, Volodomyr Zelensky, avuga ko igiciro c’abantu bamaze kuhasiga ubuzima barwanira Severodonetsk “giteye ubwoba”. Avuga ko ingabo za Ukraine zatanye mu mitwe n’iz’Uburusiya “hafi imetero ku yindi”. Amakuru avuga ko ibice hafi 70% ubu biri mu minwe y’Uburusiya. Ingabo za Ukraine zikiri mu gisagara zitegerezwa “kwishikana canke gupfa”, nk’uko bivugwa n’intumwa ya gisirikare yo mu ntara ya Donetsk iherutse gutangaza ko yikukiye ikitwa Donetsk People's Republic ishigikiwe n’Uburusiya. Avugana n’abanyamakuru i Donesk, Eduard Basurin yavuze ati: “Ingabo za Ukraine ziri hariya [ i in Severodonetsk] ziriyo ubutakivayo. Umutegetsi mukuru w’Uburusiya avuga ko intumbero ya Moscou yari iyo gukingira Donetsk na Luhansk ziherutse gutangaza ko ari repubulika zigenga. Umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov, yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru RIA Novosti avuga ati: “Muri rusangi, gukingira izi repubulika niyo ntumbero nyamukuru y’igikorwa kidasanzwe ca gisirikare”. Igihe Perezida Vladimir Putin atanguza intambara ku wa 24 Ruhuhuma (2), yavuga ko intumbero y’Uburusiya yari iyo “gusambura igisirikare no gukuraho ivyiyumviro vy’iki-Nazi muri Ukraine”. Mu nyuma hiyongeyeko iyindi ntumbero: gukora ibishoboka vyose kugira ngo Ukraine ntigire uruhande na rumwe yegamira. Ejo ku wa mbere, abategetsi ba Ukraine bongeye kuvuga ko ibirwanisho bitangwa n’Uburengero bitariko birashika ningoga nk’uko vyategerezwa. Umuhanuzi mukuru wa Perezida Zelensky yavuze ko kugira ngo bashobore guhagarika intambara ari uko igisirikare ca Ukraine “kironswa ibirwanisho bikomeye”, anashira ahabona urutonde rw’ibirwansiho rutura Kyiv ikeneye. Avuga mu kiganiro ca BBC, Newshour, umuhanuzi wo mu bushikiranganji bwa Ukraine bujejwe kwivuna abansi yavuze ko ingabo zirwanira Severodonetsk zari kuba zarihagazeko iyo zironswa ibirwanisho bikomeye imbere y’igihe. Yury Sak yavuze ko ingabo ziriko zirwanira iki gisagara “zikoresheje uburyo bushoboka zifise” ariko ko zishobora kuba zaravyifashemwo “neza gusumba mu kwirukana umwansi no kubohoza ubutaka bwa Ukraine iyo turonswa ibindi birwanisho bikomeye gushika ubu”. Yongerako y’uko inguvu z’Uburusiya ziteye ubwoba – aho ingabo zabwo zitera ibisasu 50.000 ku musi, zikubaka “uruhome rwa vya muzinga, ibitero vy’indege, hamwe n’ibisasu vya misire” kuri Ukraine. Mu ndwi nke ziheze, ibihugu vy’Uburengero vyariyemeje kurungikira Kyiv ibirwanisho birasa kure, harimwo n’Ubwongereza bwatangaje ku ncuro ya mbere ko bwari kurungika ibikoho birasa ica rimwe bibisasu vya roketi vyinshi mu ntumbero yo gufasha Ukraine kwivuna. https://www.bbc.com/gahuza/articles/crg7zgx5nd9o +politics Ukraine-Russia: Amb Edouard Bizimana avuga ko aba hariya bo babona ata ntambara ishoboka "Ingingo y'Uburusiya yo kwemera ubwigenge bwa Donetsk na Luhansk, zishaka kwiyonkora kuri Ukraine ishobora gutuma haba impande zibiri zitana mu mitwe bigatuma intambara ikomera, nk'uko Edouard Bizimana aserukira Uburundi mu Burusiya yabwiye BBC Gahuzamiryango. Ambasaderi Bizimana abona ko ""Ukraine iriko iraba nk'ikintu c'igikoresho bakoresha kugira ngo bamwe bamwe bashike ku nyungu zabo"". Imbere y'uko Vladimir Putin ategeka ingabo kwinjira muri utu turere turi mu minwe y'inyeshamba ku musi wa mbere, hari utwigoro twari tuhasanzwe two kugarura icuka ciza muri ako karere. Utu twigoro twari dushingiye ku masezerano yo mu 2014 hagati y'Uburusiya na Ukraine, azwi nk'amasezerano ya Minsk, yari yerekeye guhagarika intambara hagati ya Ukraine n'izi nyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya Ariko inyuma y'aho Putin yemereye ubwigenge bw'izi ntara zibiri zishaka kwiyonkora kuri Ukraine ku wa mbere, ibihugu vyo mu Burengero vyagirije umukuru w'igihugu c'Uburusiya ko yayahamvye, maze bica vyihutira gufatira ibihano Uburusiya. Ambasaderi Bizimana avuga ko, ku bijanye n'umutekano wa Ukraine inyuma y'iyi ngingo ya Perezida Putin, ""zirya ntara zishobora kwitabaza Uburusiya nk'uko nabwo nyene bwabitangaje ko buzorungika abantu gucungera umutekano"". Agira ati: ""Urumva ico gihe, hazoca haba impande zibiri z'igisirikare ceruye, zishobora guhangana, ugasanga intambara iciye ikomera kuko urumva ko n'ibikoresho bizoca vyiyongera, vyongererezwe n'ubushobozi"". Nayo ku kibazo c'ibiganiro, Ambasaderi Bizimana abona ko hakiri amahirwe, kuko impande zompi ziremeza ko imiryango icuguriye. Ukraine ni kimwe mu bihugu vyahoze bigize icitwa Reta Zunze Ubumwe z'Aba Soviet (URSS/USSR) yasambutse mu 1991, ivyari biyigize, harimwo Uburusiya na Ukraine, bigaca vyigenga. Ukraine ntirinjira mw'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN/NATO, ariko ni ""incuti yaryo"" - ibi bigasigura ko hari umwumvikano izi mpande zompi zagiriraniye ko iki gihugu gishobora kwemererwa kwinjira muri iri shirahamwe muri kazoza. Mu gihe Uburusiya buvuga ko ivya Ukraine vyo kwinjira muri OTAN ari umurongo utukura, Ambasaderi Bizimana abona ko iri shirahamwe ridashobora kwakira Ukraine ubu nyene muri bino bihe. Abona kandi ko kugira ibintu birinde bigera aho bigeze, habuze ugushaka kw'impande zompi kwo kwumviriza ibibazo buri ruhande rufise. Ati: ""Buriya [...] iyo bumvikana bakumviriza ingorane Abarusiya babatura, hanyuma na Ukraine bakumviriza ibibazo ifise, nibaza ko tutari gushika hiyo"". Hampande y'uko igice kitari gito c'abanya Ukraine bakoresha ururimi rw'ikirusiya, ibi bihugu bisangiye vyinshi harimwo n'imico n'imigenzo. Ambasaderi Bizimana abona ko haba Abarusiya ubwabo, canke abanya Ukraine, bose babona ko ari abavukanyi, rero ko ata ntambara ishoboka hagati y'ibibihugu bibiri. Ati: ""Abanya Ukraine barasangiye ibintu vyinshi n'Uburusiya kandi na hano ubumvirije - ari Abarusiya canke abanya Ukraine - baravuga y'uko ari abavukanyi. ""Hariho benshi gushika ubu bavuga bati 'ntitwiyumvira y'uko Abarusiya bodutera, bakaturwanya bakatugirira nabi. N'Abarusiya na bo nyene baravuga bati 'ni abavukanyi […] ni abavandimwe mu bisanzwe'""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60490696 +politics Ukraine - Russia: Intambara ziriko zibera ku mugwa mukuru Kyiv, Zelensky asaba ibiganiro "Itangazo rya reta ya Ukraine ryasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru rya Ukraine, Interfax, rivuga ko intambara ziriko zibera mu mabarabara ya Kyiv, umugwa mukuru w'iki gihugu. Rivuga riti: ""Hari intambara mu mabarabara y'igisagara cacu muri uno mwanya"". Rigabisha ababa muri iki gisagara kuguma mu mazu kandi bakirinda kwegera amadirisha canke amabaraza. Uyu musi ugize gatatu igirisirikakre c'Uburusiya gitanguye igitero gikomeye muri Ukraine inyuma y'aho utwigoro tw'ibiganiro hagati ya reta y'Uburusiya n'ibihugu vyo mu Burengero ataco dushikiyeko. Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine asaba ibiganiro na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya kugira ngo intambara ihagarare, ni inyuma y'aho Kremlin itangarije ko Uburusiya bwiteguye kuganira n'ubutegetsi bwa ukraine. Itororokaniro ry'amakuru Reuters rivuga ko ibibombe biremereye vyumvikanye, biherekejwe n'amasasu menshi mu turere tw'uburengero bw'umugwa mukuru Kyiv. Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko hari intambara zikomeye muri Kyiv. Giciye ku rubuga rwa Facebook, igisirikare ca Ukraine gitangaza ""intambara z'urutavanako ziriko ziraba"" mu karere ka Vasylkiv muri ico gisagara. Kivuga kandi ko casubije inyuma igitero c'ingabo z'Uburusiya kw'ikambi ya gisirikare iri ku mugwa mukuru Kyiv. Amakuru atangwa ku mbuga hwaniro n'abanyamakuru bakorera i Kyiv aremeza ko intambara ziriko zibera mu mabarabara ya Kyiv, abenshi bakavuga ko bumva ibibombe biremereye biturika n'amasasu hafi cane y'akarere ko hagati mu gisagara. Igisirikare ca Ukraine congerako y'uko ingabo zaco zakoroye indege zitari nke ""z'umwansi"" ku musi w'ejo, kandi ko zabujije ingabo z'Uburusiya kwigarurira ibisagara vya Ukraine. Icakora, umunyamabanga mukuru w'inama y'igihugu ijejwe umutekano no kwivuna abansi, Oleksiy Danilov, avuga ko ingabo z'igihugu zifise ""ibintu"" i Kyiv, agira ati: ""Turahagarika aka kajagari dukoresheje uburyo bwose bushoboka"", nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi co muri Ukraine Lb. ua. Mu gihe igisirikare c'Uburusiya kibandanya ibitero vy'urutavanako kuri Ukraine, umuvugizi wa Perezida Zelensky avuga ko igihugu ciwe citeguye kuja mu biganiro vy'amahoro no guhagarika intambara n'Uburusiya vuba bwango. Avuga ko abategetsi b'Uburusiya n'aba Ukraine ubu bariko baravugana igihe n'ikibanza ivyo biganiro vyoberamwo. Uburusiya bwobwo buvuga ko buzoganira gusa mu gihe igisirikare cose ca Ukraine kizoba camanitse amaboko. Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU Antonio Guterres asaba ko hoba akandi karyo k'ibiganiro vy'amahoro, ni inyuma y'umubonano w'Inama nkuru ya ONU aho Uburusiya bwahagaritse integuro y'icemezo cayo co kwiyamiriza igitero kuri Ukraine. Yanditse ku rubuga rwa Twitter ati: ""ONU yavyawe n'intambara mu ntumbero yo guhagarika intambara. Uno musi, vyanse ko dushika kuri iyi ntumbero. Ariko nta gucika inkokora. Ni ngombwa ko dusubira tukagerageza Inyuma y'aho, yateye akamo ingabo z'Uburusiya zakoze iki gitero kuri Ukraine gusubira ku birindiro vyazo. Iki cemezo vyaboneka ko ataho cari gushika kubera Uburusiya bufise ububasha bwo guhagarika ingingo iyo ari yo yose budashimye (veto) kuko ari umunywanyi ntayegayezwa w'iyi Nama Nkuru ya ONU. Ku ruhande rwiwe, uwuserukira Uburusiya muri ONU Vassily Nebenzia yashimiye ibihugu biri mu Nama nkuru ya ONU bitashigikiye integuro y'iki cemezo cayo avuga ko ari ico ""kurwanya Uburusiya""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60535451 +politics Ethiopia – Tigray: Uko umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yayoboye urugamba rwo gutuza inyeshamba "Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yabanje kwibutsa ubutwari bw'abami batwaye ico gihugu mu gufata ingingo yo kuja ku rugamba kurwanya inyeshamba za Tigray zari zagabishije ko zigiye gutembagaza ubutegetsi bwiwe. Mu mashusho adasanzwe yerekana umugabo yatangajwe ko yatsindiye ku ncuro ya 100 agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel mu mwaka wa 2019, umushikiranganji wa mbere Abiy yerekanywe ku ma videwo n'amasanamu ari mu mwambaro wa gisirikare, aca mu mashamba, aduga imisozi, agenzura akarere akoresheje za ndabirakure (jumelles), avugana n'abasirikare bari munsi y'ibiti. Yavuga ati: ""Mwebwe mwese mushaka kuba mu bana ba Ethiopia, mushaka kuzohayagizwa mu mateka y'igihugu, haguruke murwanire igihugu canyu uno musi. Duhurire ku rugamba"". Kjetil Tronvoll, umwigisha w'ivyigwa bijanye n'intambara kuri kaminuza Oslo New University College muri Norvège/Norway, avuga ko ata nkeka ko ingingo ya Abiy yahinduye ibintu mu rugamba rwo kurwanya inyeshamba za Tigray People's Liberation Front (TPLF). Ati: ""N'aho amasanamu yerekana ko yari hafi y'ingabo ku rugamba ariko atari ku rugamba nyezina, ingingo yiwe yaragize akarusho"". ""Yarateye intege abajenerali biwe, ivyura agatima ko gukunda igihugu mu banyagihugu ba Ethiopia, ituma intwari za Ethiopia nka Haile Gebrselassie bahaguruka bafata mu mugongo urugamba, ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu baja gushigikira igisirikare n'imirwi y'abarwanyi bo mu ntara ya Amhara"". TPLF yahuye n'ibibazo bikomeye cane. Abarwanyi bayo bari mu micungararo y'igisagara ca Debre Birhan, ku birometero hafi 130 uvuye ku mugwa mukuru Addis Abeba, imbere y'uko birukanwa bagasubira ku birometero hafi 400 mu gisagara ca Weldiya. Ibi bisigura ko inyeshamba zatakaje ibisagara bikomakomeye kw'ibarabara A2 rifatanya icicaro cazo ca Tigray n'icicaro gikuru c'ubutegetsi bwa Ethiopia. Prof Tronvoll avuga ko mu gihe Abiy yari kumwe n'ingabo ziwe ku rugamba, indege za drone - bivugwa ko yoba yahawe n'Ubushinwa, Turukiya na Iran- zakoze igikorwa kidasanzwe mu gusubiza inyuma TPLF: ""Wing Loong II y'Ubushinwa ivugwa ko yabonetse ko ari indege [ya drone] ifise inguvu za gisirikare zo ku rwego rwo hejuru mu gusambura vya bimodoka vya burende, ibirwanisho rutura no gutera amabombe ku basirikare bari ku maguru"". Muri uwo mwanya nyene, reta yarateye akagere Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya (EU/UE) vyariko biyitera igitsure ngo ije mu biganiro vyo guhagarika intambara, inerekana ko ibihugu vya rutura vyo mu burengero bw'isi bishigikiye TPLF - ibi bikanavugwa kandi na Gebrselassie, uwahoze ari umunonotsi rurangiranwa wa Ethiopia. Yabwiye ikinyamakuru ca reta ati: ""Twarabonye ingene Iraq, Syria, Yemen na Libya vyasambutse canke vyatatanye. Ariko Ethiopia ni igihugu gifise abanyagihugu barenga imiriyoni 120. Rero uwogerageza guhungabanya iki gihugu vyomugarukako"". Ati: ""Ndazi abavukanyi bacu ba Afrika baradushigikiye, kandi tumaze imyaka ibinjana turwaniriza hamwe ubukoloni"". Prof Tronvoll avuga ko Abiy yatoye imvugo yatumye ibihugu vya Afrika bimushigikira, co kimwe n'ibindi vy'abakeba b'ibihugu vyo mu Burengero bw'isi: ""Igihe iyi ntambara itangura, Abiy yavuze ko yariko ararwanya TPLF nk'akarwi k'inkorabara"". ""Ariko mu nyuma yaciye akoresha imvugo ya Afrika mu kuvuga ko TPLF ari icitso c'ibihugu birondera kuganza ibindi, kandi ko yariko arwanira iteka rya Ethiopia, nk'uko abami bo muri kahise babikoze"". Mu kwa cumi na rimwe, Abiy yarerekanye isano riri hagati ya TPLF iriko igerageza gutembagaza reta yiwe n'Abataliyano bateye igihugu hanyuma bagatsindwa mu ntambara yabaye rurangiranwa ya Adwa (Battle of Adwa) mu 1896, barwanijwe n'igisirikare c'umwami w'abami Menelik II, ari na we yashinze Ethiopia y'ubu, akaba yava mu bwoko bwa Amhara. Aciye ku rubuga rwa Twitter, yanditse ati: ""Bagenzi banje b'abanya Ethiopia, ng'aha no hanze, uruhara rwanyu rwo kubwira ukuri amahanga ni kirumara. Twese turi hamwe, turashobora gutsinda ikibazo gihanze iri hanga rya kera rihanganye n'inguvu za kure n'iza hafi. Nk'abana ba #Adwa tuzokwama turwanira #Ethiopia"". TPLF wari umuhari w'inyeshamba washitse ku butegetsi muri Ethiopia mu 1991. Ni wo wari wiganje muri reta gushika mu 2018, igihe Abiy ashikiye ku butegetsi inyuma y'imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ubutegetsi bwayo bw'agahotoro. Waciye wisubirira mu cicaro cawo muri Tigray, ari naho watangurije intambara ya kanyeshamba mu mwaka uheze biturutse ku kutumvikana gukomeye na Abiy ku mpinduka yariko arazana mu gihugu. Uwihweza ibintu n'ibindi mu karere k'ihembe rya Afrika, Abdurahman Sayed asanzwe ari mu Bwongereza, avuga ko abanya-Ethiopia batari bake bahaye icubahiro Abiy inyuma y'aho afatiye ingingo yo kuja kurongora rugamba rwo kurwanya inyeshamba, ni mu gihe icizere cagenda kigabanuka igihe inyeshamba zariko zisatira. Avuga ati: ""Mu guhaguruka agata umuhana agahamvya igisirikare, Abiy yatanze ubutumwa ko yari yiteguriye gupfira Ethiopia, bibaye ngombwa"". ""Arakunda cane kahise k'abami ba Ethiopia, mbere umusi umwe yabwiye abari bamuteze amatwi ko nyina wiwe yatanze ubuhanuzi ko azokomera gushika aho aba umwami agira indwi. Abami barakunda kurongora ingabo zabo ku rugamba, kandi nawe yakoze ikintu gisa n'iki"". Prof Tronvoll avuga ko ivyakozwe na Abiy ari ibintu bitari bimenyerewe ku muntu yatsindiye agashimwe k'amahoro ka Nobel - agashimwe yahawe mu 2019 kubera yarangije indyane na Eritrea, akazana n'impinduka muri poritike ya Ethiopia inyuma y'imyaka mirongo y'ubutegetsi bw'agahotoro. Ati: ""Barack Obama yatsindiye aka gashimwe amaze kuba perezida wa Amerika, hanyuma atanguza intambara ya drone muri Afghanistan, yiyicariye mu cumba c'intambara ca Maison Blanche/White House. Abiy ni we wa mbere yegereye ingabo ziri ku rugamba"". Umushikiranganji wa mbere Abiy yabanje kugendera ingabo zari ku rugamba mu buseruko mu kw'icumi na rimwe, aho ingabo zidasanzwe hamwe n'imirwi y'abarwanyi bo mu ntara ya Afar bari bakubise bikomeye TPLF. Abdurahman ati: ""Aba Afar ni ababanyi ba hafi cane n'aba Tigray. Muri kahise, bafatwa nk'abarwanyi. Hafi buri mugabo wese w'umu-Afar yategerezwa kuba atunze inkoho kuva ku myaka 15. Barahanganye bikomeye na TPLF, mbere n'abagore b'aba Afar baraja ku rugamba"". ""Ibi vyerekana ishavu bafitiye TPLF kubera amarorerwa abarwanyi bayo bakoze muri Afar, igihe bagerageza ubwa mbere kurenga imbibe za Tigray, haraciye hafi amezi atandatu"". Abdurahman abona ko iki ari ikintu gikomeye muri iyi ntambara, kuko caburijemwo integuro ya TPLF yo gushika ku rubibe na Djibouti, ati: ""Ethiopia ni igihugu kidafise umuhora ugishikana kw'ibahari, ikivuko ca Djibouti kikaba ari co soko ry'ubutunzi bwayo"". ""Iyo TPLF yigarurira ibarabara rishika ku rubibe, ubutunzi bwa Ethiopia bwari guhungabana, mu gihe ata bidandazwa vyari gushika i Addis Ababa, kandi ibi bikaba vyari gutuma abanya Tigray bagira amahirwe menshi yo kwigarurira umugwa mukuru"". Abiy yagiye gusubira muhira inyuma y'indwi hafi zibiri, muri ino ndwi ibiro vyiwe bikaba vyatangaje ko yasubiye ku rugamba kurongora igisirikare mu kwigarurira utundi turere mu ntara ya Amhara. Ku ruhande rwayo, TPLF yatangaje ko yisubije igisagara ca Lalibela gifise amasengero yo muri kahise. Kubwa Prof Tronvoll, uyu mutegetsi wa Ethiopia yarashoboye kurwanira ubutegetsi bwiwe ariko akaba yaratosekaje ishusho yiwe kw'isi, ati: ""Intumbero nyamukuru y'uwahawe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel yategerezwa kuba amahoro, ariko Abiy yaranse incuro nyinshi umugambi wo guhagarika intambara, kandi n'ingabo ziwe zakoze amarorerwa menshi"". Ariko Abdurahman avuga ko Abiy ata kundi yari kugira atari ukurwana kubera TPLF yari yiteguye gusubira gufata ubutegetsi ku nguvu. ""Ntituzi igihe iyi ntambara izomara n'igihe izorangirira, ariko Abiy yarerekanye ko atari mugabo n'iryo""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59663303 +politics Cyprien Ntaryamira: Abasigwa n'abapfanye n'umukuru w'igihugu bababajwe n’uko ata muco uraboneka "Ishirahamwe AVOD rihuriyemwo impfuvyi n'abapfakazi b'abategetsi bagiye baragandagurwa mu ndyane zagiye ziba mu Burundi basaba ko haba itegeko ribaha uburenganzira bwo kubandanya bafatwa mu mugongo na reta. Bavuga ibi mu gihe kuri uyu wa 06 ukwezi kwa kane Uburundi bwibuka imyaka 27 irangiye umukuru w'igihugu Cyprien Ntaryamira apfiriye mu gitero c'ibisasu ku ndege yarimwo, cabereye i Kigali mu Rwanda. Prezida Cyprien Ntaryamira w'Uburundi yari mu ndege ya mugenziwe w'Urwanda Juvenal Habyarimana bavanye mu nama i Dar Es Salaam muri Tanzania. Mu bari mu ndege, barimwo n'abashikiranganji babiri ba reta ya Ntaryamira, nta n'umwe yarokotse. Abo bashikiranganji bari Bernard Ciza yari ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu na Cyriaque Simbizi yari ajejwe kumenyesha amakuru. Adele Ahishakiye arongoye iryo shirahamwe avuga ko imiryango y'abasigwa ibayeho mu buzima atari bwiza, kandi mbere ko usanga n'ubutegetsi butabitaho. Mw'itangazo ryaraye risohoye buca bibuka urupfu rwa Perezida Ntaryamira, AVOD ivuga ko ari ibintu bibabaje kubona gushika ubu ata muco uraboneka kuri ico gitero. Riti: ""Ishirahamwe AVOD rirababazwa n'ukubona imyaka 27 iheze inyuma y'ico cago Abarundi bose muri rusangi, na cane cane imiryango y'ababuze, batararonka umuco ku vyabaye"". Umupfasoni Ahishakiye yabwiye BBC ko afise icizere ko impera n'imperuka hazoteba hakaba ubutegetsi buzofata ibintu mu minwe maze ukuri kukamenyekana. Umupfasoni Ahishakiye avuga ko imiryango isigwa n'abo bari kumwe na Perezida Cyprien Ntaryamira, ari bo Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi isa n'iyibagiwe. Ati: ""Benshi usanga bifumbereje umengo ntibakibaho. Nivyo ko intatemwa zabo ziri kumwe n'iz'abandi, ariko imiryango yabo ntifashwe nk'uko yategerezwa gufatwa"". Hagati aho, arashima ingene abategetsi bagerageza kubaba hafi ""turavye ibihe igihugu caciyemwo"", ariko avuga ko hari hakenewe ikintu canditse kibaha uburenganzira bugaragara nk'abasigwa b'abakoreye igihugu. Ati: ""Urashobora kwumva ko umengo ufashwe mu mugongo, mugabo mu gihe ata tegeko rigenga iyi mfashanyo, umengo n'utwo baguha bariko batugufashisha kugira ngo utekereze. ""Dushaka ko haba itegeko ryanditse ryerekana ingene abo basigwa bazofatwa kugira ngo n'aho ubutegetsi bwohinduka itegeko ribandanye rikora ntibibe ivyo gutangura gushasha"". Gushika ubu hagumye impari ku boba bararashe iyo ndege y'umukuru w'igihugu c'Urwanda, igikorwa gifatwa na benshi nk'uko ari co cabaye imbarutso y'ihonyabwoko ryaciye riba muri ico gihugu." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56646119 +politics Ingorane muri Ethiopia: Vyagenze gute ngo igihugu gishike aho kiri ubu? Intara ya Tigray muri Ethiopia irangwamwo umutekano muke cane ku buryo hatanguwe no kuvugwa ikibazo c'inzara. Iyi nkuru irasigura uko vyagenze ngo ibintu biyangare muri iyo ntara n'imidurumbanyo ahandi mu gihugu. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57587294 +politics Ayandi makuru ku ntambara muri Ukraine: Russia ntifata ko iri mu ntambara na OTAN/NATO – Lavrov "Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavrov avuga ko igihugu ciwe kitibona mu ntambara na OTAN/NATO, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru ca reta, Ria. Avuga ko ibi vyotuma haduka intambara ya nikleyeri, ibidashobora kwihanganirwa, nk'uko bibandanya bivugwa na Ria. Lavrov avuga kandi ko Uburusiya ata muntu n'umwe buriko buratera ubwoba ko bushobora gutanguza intambara ya nikleyeri, ariko akagiriza ibihugu vyo mu Burengero ko vyovyo biriko birabikora. Uyu mushikiranganji w'imigenderanire yagiriza Ukraine ko ari yo ituma ibiganiro vy'amahoro bihagarara kubera ico yita ""ukwiteza utunyoni"" kwa Kyiv. Ku bindi bivugwa na Sergei Lavrov, avuga ko ""Abanya - Moldavie bakwiye kwitondera ibijanye na kazoza kabo, kuko bariko bahendwa ngo binjire muri OTAN"", niko Ria ibandanya ivuga. Ibiturika biherutse kwumvikana mu karere ka Transnistria, akarere kiyonkoye kuri Moldavie gashigikiwe n'Uburusiya kakaba gahana urubibe na Ukraine - vyatumye haduka ubwoba ko intambara ishobora kuba iriko irarandagata. Lavrov avuga kandi ko incuti nkuru nkuru z'Uburusiya hafi zose zemeye kuriha gaze zikurikije uburyo buherutse gushikirizwa na Moscou, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Tass naco nyene cegamiye reta. Mu ntango z'ino ndwi, Uburusiya bwavuze ko buhagaritse gushorera gaze muri Pologne na Bulgaria, inyuma y'aho ibi bihugu vyankiye kuriha mw'ifaranga ry'Uburusiya, rouble. Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko iyi ngingo ari uburyo bw' iterabwoba. Umutegetsi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika avuga ko Uburusiya muri inyuma mu nteguro bwari bufise bwo kwigarurira akarere ka Donbas kandi ko bugenda bukebuke. Ukurinda kw'ingabo za Ukraine hamwe no gutinya gukora amakosa bwakoze mu kurondera kwigarurira Kyiv nivyo bituma ""ata terambere riboneka"" Uburusiya bugira muri ako karere, nk'uko Pentagon ibivuga. Uyu mutegetsi avuga ko ingabo z'Uburusiya zitinya guhuruduka, akongerako ati: ""Twibaza ko ivyo bariko barakora ari ukubandanya bitegurira igitero kinini kandi c'umwanya muremure"". Pentagone yibaza ko Abarusiya ""n'imiburiburi bari inyuma imisi itari mike uravye ivyo bipvuza kuba bashitseko"", nk'uko uyo mutegetsi abivuga. Moscou ubu ifise batayo (bataillons) 92 mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine, mu gihe hari abameze magabo ku ruhande rw'Uburusiya ku rubibe buhana na Ukraine, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko amakungu adashobora gukorana na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya nk'uko vyahora imbere y'aha, ni inyuma y'aho Indonesia imuhereye ubutumire - hamwe na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine - mu nama y'ibihugu 20 bitunze gusumba ibindi kw'isi (G20). Perezida Joe Biden ""yiyamirije ku mugaragaro ko adashigikiye ko ""Perezida Putin yitaba iyo nama mu gihe Amerika ""yashigikiye itumirwa rya Ukraine"", nk'uko bivugwa na Jen Psaki, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House. Avuga ko Uburusiya bwahawe ubutumire bwo kwitaba iyi nama muri iryo zinga imbere y'igitero ca Putin kuri Ukraine. Aho nyene, umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Jalina Porter, yavuze ko ""ibintu bidashobora kuba nk'ukovyamye"" n'Uburusiya ku rwego mpuzamakungu. Ntiyamenyesheje nimba Amerika izoshobora kwitaba iyi nama. Ukraine ntiri muri uyu murwi wa G20 ugizwe n'ibihugu bitunze kurusha ibindi, mu gihe Uburusiya bwobwo burimwo." https://www.bbc.com/gahuza/61282593 +politics Rwanda: Umukuru w'umugambwe RPD Christopher Kayumba yahagaritswe Itangazo rya RIB (Rwanda Investigation Bureau) ku rubuga rwa Twitter rivuga ko ryapfunze Dr Christopher rimwagiriza ivyaha vyo gukoresha imibonano mpuzabitsina abantu batandukanye ku gahato. Uwo mukuru w'umugambwe wa Rwandese Platform for Democracy' (RPD) utavuga rumwe na reta yari yitavye umutahe wa RIB kuri uyu wa kane kugira yisigure kuri ivyo vyaha yagirizwa. Dr Christopher Kayumba yari yashize uwo mugambwe mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka. Inyuma y'imisi 11 gusa ashinze uwo mugambwe, yaciye arengukishwa mu rwego rujejwe kugira amatohoza mu Rwanda yagirizwa gukoresha imibonano mpuzabitsina abantu batandukanye ku gahato. Bamwe bavuga ko ari ikirego'gifise ivyinyegeje inyuma' mu gihe umunyamategeko wiwe yavuga ko ibimenyetso ari co kintu gikomeye ku birego nk'ibi. Itariki 16 z'ukwezi kwa gatanu, umugambwe RPD wa Kayumba watangaje ko uvutse, bukeye itariki 17 kuri Twitter hatangazwa inkuru ivuga ko Dr Kayumba yagerageje gufata ku nguvu umukobwa yigisha mw'ishure ryo kumenyeshama amakuru amusanze muhira iwe. Inyuma y'imisi cumi, hataramenyekana izina ry'uwuvga ko yamuhohoteye, umumenyeshamakuru Fiona Muthoni Ntarindwa yanditse kuri Twitter ko ari we Kayumba yashatse gufata ku nguvu mu 2017. Fiona yemeje ko ari we avugwa mu ruhererekane rw'inyandiko yanditswe kuri Twitter na Kamaraba Salva, ivuga ko yagiye kuraba Kayumba ngo bavugane ivyerekeye ishure, ngo 'asanga ameze nk'uwaborewe' ashaka kumufata ku nguvu, ariko aramwiyaka arahunga. Christopher Kayumba, na we kuri Twitter, yariyamirije ivyo bamwagiriza, avuga ko bifise intumbero 'yogutanga isura mbi ku vyiyumviro vyo gutanguza' umugambwe uharanira demokarasi. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58501820 +politics Myanmar: Aung San Suu Kyi yabonetse muri sentare kwagirizwa ivyaha "Aung Aung San Suu Kyi yabonywe ubwa mbere kuva apfunzwe n'abasirikare batembagaje ubutegetsi haraheze ukwezi, hari ku buryo bwa video. Yabonetse ''afise amagara meza'' hanyuma asaba kubona abamwunganira mu mategeko, nk'uko abashingwamanza biwe babivuze. Apfungiwe ahantu hatazwi kuva hatembagajwe ubutegetsi itariki ya mbere ukwezi kwa kabiri. Abiyamiriza iryo tembagazwa no kuri uyu wa mbere bazindukiye mu mabarabara, n'ubwo kuwa mungu wabaye umunsi mubi aho hishwe abantu 18. Abo bantu bishwe ubwo igiporisi n'igisirikare vyakajije ivyo gushaka guhasha imyiyerekano mu gihugu mu kurasa amasasu y'ukuri mw'isinzi ry'abari mu myiyerekano. Ariko abantu bagarutse mu mabarabara kuri uyu wa mbere n'inguvu nyinshi cane, basaba ko reta yatowe isubizwaho hanyuma Madame Suu Kyi nawe n'izindi ndongozi z'umugambwe wiwe, National League for Democracy(NDL), barekurwe. Igisirikare kivuga ko cafashe ubutegetsi kubera ubusuma bwabaye mu matora yo mu kwezi kwa 11, yatsinzwe ku rugero runini cane na NDL. Nta vyemezo cerekanye vy'ubwo busuma n'ubwo casubirije umugwi ujejwe amatora kikemera ayandi matora mu kiringo c'umwaka. Madame Suu Kyi, w'imyaka 75, yafashwe igihe itembagaza ryatangura itariki imwe z'ukwezi kwa kabiri, kuva ico gihe akaba atasubiye kuboneka ahagaragara gushika ku ntahe y'uno munsi, aho yabonetse biciye muri video muri sentare ku murwa mukuru, Nay Pyi Taw. Ntawuzi aho apfungiwe kuva afashwe haraheze ukwezi, ariko hari amakuru avuga ko yapfungiwe mu rugo iwe mu gisagara ca Nay Pyi Taw imbere y'uko yimurirwa mu kindi kibanza kitamenyeshejwe. Madame Suu Kyi mu ntango yakurikiranwa ku vyaha bibiri harimwo kugura no kwinjiza mu gihugu amaradiyo yo kuvuganirako ( walkie talkie) no kurenga ku mategeko ya Myanmar yerekeye ibiza, ariko hari ibindi vyaha vyongeweko kuri uyu wa mbere, harimwo kurenga ku ngingo zo kwirinda Covid-19 mu gihe co kwiyamamariza amatora hamwe no gutera ""ubwoba n'uguhagarika umutima"". Ivyaha vya mbere bishobora guhanishwa umunyororo ushika ku myaka itatu. Ntibiramenyekana neza igihano c'ivyo vyaha bishasha icari co. Intahe ikurikira yashizwe ku wa 15 uku kwezi kwa gatatu. Inkinyamamuru Myanmar Now catangaje ku wa mbere ko umukuru w'igihugu yatembagajwe Win Myint -afadikanije urugamba na Madame Suu Kyi- nawe yagirijwe kugumura hisunzwe igitabo mpanavyaha. Ukumenyekana n'ugukundwa kwa Madame Suu Kyi kwarongerekanye cane kuva afashwe, ariko izina ryiwe mu makungu n'ubu riracahumanye kubera ibivugwa ko yaravye hirya ku kibazo co kwomora aba Islam b'abanyamuke bo mu bwoko bw'aba Rohingya. Imyiyerekano yasubiriye kandi mu bisagara vyinshi mu gihugu. Ku bw'itororokanirizo ry'amakuru AFP, hari aho vyashitse abari mu myiyerekano ata bigwanisho bitwaje biriruka barahunga igihe hari amasasu yari arashwe. Ntibizwi niba yari amasasu y'ukuri canke niba yari ayo akamwanya (caoutchouc). Iryo tororokanirizo ryongeyeko ko muri Yangon, abari mu myiyerekano babonetse bakoresha ibintu birimwo ibiti vy'imigano, intebe zo mu nzu hamwe n'amashami y'ibiti kugira bazibire amabarabara. Amasanamu yerekanye kandi imyuka ikoroza amosozi isukirwa ku bari mu myiyerekano. Igisirikare ca Myanmar cafashe ubutegetsi ku wa mbere ukwezi kwa kabiri, gishiraho amategeko adasanzwe kandi gishira ubutegetsi bwose mu minwe ya General Min Aung Hlaing. Haheze iminsi haciye hatangura ingendo yo kwanka amategeko, abakozi banka gusubira ku mirimo kugira biyamirize ico gikorwa c'abasirikare. Ntivyatevye abantu batangura kwitaba iyo ngendo ari benshi, abantu ibihumbi n'ibihumbi bihereza amabarabara. Muri iyi minsi ya vuba imyiyerekano yagiyemwo intureka ikomeye hagati y'igiporisi n'abanyagihugu basanzwe; gushika ubu hakaba hamaze gupfa abantu 21." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56240886 +politics Intambara ya Ukraine: Ibibombe kandi ku mugwa mukuru Kyiv "Ibibombe vyumvikanye hagati mu gisagara ca Kyiv, umugwa mukuru wa Ukraine, mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iki gisagara. Vitali Klitschko avuga ko ibi bibombe vyaguye muri district ya Shevchenkivskyi iri hagati mu gisagara, abajejwe ubutabazi bakaba baciye barungikwayo. Igisata kijejwe kwivuna abansi kiri ku bikorwa, nk’uko bivugwa na Buramatari wa Kyiv, Oleksiy Kuleba. Abanyamakuru ba BBC bumvise ibiturika bikomeye cane inyuma y’amajwi y’inzamba yo kugabisha. Uburusiya bubandanya butera ibigo ntanganguvu kuva mu kw’icumi bukoresheje ibisasu vya misire na za ndege zitagira abadereva (drones). Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ingabo za Ukraine zakoroye amadrone 13 yo mu bwoko bwa Shahed yavuye muri Irani, avuga ko ayo yose ari yo yari yarungitswe n’Uburusiya mu gatondo ko kuri uno wa gatatu. Abakuru ba gisirikare mu gisagara ca Kyiv bavuga ko igisigarira ca drone caguye ku nzu ya reta hagati mu gisagara no ku nzu zine zituwemwo n’abanyagihugu. Ariko umuvugizi w’igisata kijejwe ubutabazi yabwiye ibinyamakuru vya Ukraine ko ata muntu n’umwe yaguye muri ivyo bitero. Buramatari wa Kyiv, Kuleba, avuga ati: ""Igisata co gukingira ikirere kiri ku bikorwa. Ni nkenerwa ko muguma aho mwinyegeje. Uburusiya burabandanya ibitero vy’iterabwoba ku bigo ntanganguvu. Ariko tugenda dukomera buri musi”. Ukraine yagiriza Irani guha Uburusiya amadrones “y’ubwiyahuzi” yakoreshejwe mu bitero vyo ku wa 17 Gitugutu (10), ivyo Tehran (umugwa mukuru wa Irani) ihakana. Mu nyuma, Irani yahavuye yemera ko yahaye Moscou amadrone makeya “amezi atari make” imbere y’intambara. Mu kwishura, Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko ivyo vyari ibinyoma, ko ahubwo amadrone menshi cane yariko arakoreshwa. Kuva mu mezi aheze, Uburusiya bubandanya butera ibigo ntanganguvu mu ntumbero yo guca intege abanyagihugu. Abategetsi b’isi bavuga ko ibi bitero ku bigo vya gisivire ari ivyaha vyo mu ntambara, ariko mu ndwi iheze, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yarishigikiye ku ngingo yo gukora ibi bitero, aho yavuze ko vyari ivyo kwihora igitero ca bombe cakozwe ku wa 18 Gitugutu ku kiraro c’Uburusiya mu karere ka Crimea bwigaruriye. Ibi bitero bibaye mu gihe hari amakuru avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zitegura kurungikira Ukraine ibirwanisho vya none vyo mu bwoko bwa Patriot vyo gukingira ikirere. Abategetsi bakuru bo mu gisata co kwivuna abansi babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko ibi bishobora gutangazwa imbere yo ku wa kane. Ibi birwanisho biri mu bigezweho gusumba ibindi, kandi ko ari bikeya. Kubera bifise ubushobozi bwo kurasa kure, bishobora gukorora amadrone n’ibisasu vya misire vy’Uburusiya imbere y’uko bishikira ibisagara vya Ukraine. Ariko ibirwanisho vyo mu bwoko bwa Patriot bisaba abantu benshi bo kubikoresha, ibitandukanye n’ivyo Ukraine isanzwe ikoresha ubu, bigashobora gusaba amezi atari make yo kwigisha ingabo za Kyiv ingene babikoresha neza. Uburusiya bushobora gufata ko kugerageza mu buryo ubwo ari bwo bwose guha Ukraine ibi birwanisho vyo mu bwoko bwa Patriot  ari ukurenga umurongo, ivyotuma ibintu biyangara. Mu kwezi guheze, uwahoze ari umukuru w’igihugu Dmitry Medvedev – ubu akaba ari icegera c’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano – yaragabishije kuri ino ngingo." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cw860qd74vjo +politics South Africa: Jacob Zuma yatanguye ari intwari y'ubwigenge, aba Prezida, ubu ari mw'ibohero "Jacob Zuma yatahukanye ipete ry'ikimaramare muri politke mu kuba uwahoze ari umukuru w'igihugu wa mbere wa Afrika y'Epfo atawe muri yompi. Ubuzima bwiwe nk'umuntu yidegemvya - bwuzuye icubahiro c'uwahoze ari umukuru w'igihugu - bwaheze imbere gatoyi y'isaha zitandatu z'ijoro ryo kuwa gatatu. Niho mu buryo buteye ibishobisho yajanwa n'urukurikirane rw'imiduga akuwe iwe muhira mu kigwati ca Nkandla ajanwa mw'ibohero mu gisagara gitoya ca Estcourt. Umuhungu wiwe, Edward Zuma, yari yagabishije yuko ""amaraso azoseseka"" niyafatwa, ariko impera n'imperuka nta n'ima ryayo ryasesetse. Uyo mutama w'imyaka 79 yarishikanye, kuko yari azi neza y'uko atoshobora guhangana n'ubushobozi bwa leta, asiga inyuma umuhungu wiwe yari yashinze ibirindiro kw'irembo yitwaje inkoni. Zuma yarigeze kuba ari umunyepolitike ahayagizwa. Yarapfunzwe imyaka 10 mu 1963 ahowe kurwanya intwaro karyanishamiryango ya apartheid muri Afrika y'Epfo, hanyuma arahunga mu 1975 aja kuba uwujejwe igendereza rya African National Congress (ANC), imbere yuko agaruka muri Afrika y'Epfo mu 1990, aza gushikira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu 2009, ariko gushika ico gihe izina ryiwe ryari rimaze gucafuzwa n'ivyagiriji vya ruswa. Yaragirijwe kandi gufata ku nguvu umugenzi w'umuryango, ariko aza kwezwa mu 2006 mu rubanza rwaciyemwo kubiri cane ANC, umuhari wahoze urwanira ubwigenge waje guhinduka umugambwe uri ku butegetsi mu 1994 kandi Zuma akaba yarawubereye umunywanyi kuva agifise imyaka 17. Ubu, yatawe muri yombi azize gusuzugura sentare igizwe n'abacamanza bo ku rwego rwo hejuru muri Afrika y'epfo - bakaba ari bo bajejwe guhagararira demokrasi yarwaniye ubuzima bwiwe bwose. Mu ntango za kuno kwezi, abacamanza ba sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro bamukatiye umunyororo w'amezi 15 kubera gusuzugura itegeko ryo kwitaba abajejwe itohoza ku vyaha vy'igiturire yaregwa vyo mu kiringo c'imyaka icenda yabaye umukuru w'igihugu. Yanagomba kubazwa cane cane ku migenderanire yiwe n'abavukanyi Gupta bahunze Afrika y'Epfo mu 2018 igihe umugozi w'ubutungane wabagera ibikonjo. Bose barahakanye ivyo bagirizwa, kandi Zuma agashimangira y'uko abansi biwe ba politike bariko barakoresha sentare mu kumuhiga. Kuba yarwanije ivangura rifatiye ku rukoba muri Afrika y'Epfo igihe hari hakomeye intambara inyegeje yiswe Cold War hagati ya Amerika n'icahoze ari Ihuriro ry'Abasoviyeti (Union Soviétique), Zuma mu mutwe wiwe yumva akiri muri urwo rugamba. Abona y'uko ari inzirakarengane igambanirwa mu mugambi wateguwe n'ibihugu vya Buraya na Amerika - hamwe n'ibikoresho vyabo vyo muri Afrika y'Epfo - mu kuburagiza ibikorwa vyiwe vyo guheraheza inguvu z'ubutunzi bw'abazungu muri Afrika y'Epfo. Abatavuga rumwe nawe babona yuko uyu yahoze ari uwurwanira ubwigenge wo mu muryango ukenye, yaborejwe n'umurengwe w'ubutegetsi igihe intambara yo kwibohora yahera - ari kumwe n'abagenzi biwe bashasha b'abagwizatunga - asahura ubutunzi bw'igihugu ku rugero rw'ikirenga. Ahari ukuri ntiharamenyekana ariko ni intambwe ikomeye kuri demokrasi ya Afrika y'Epfo imaze imyaka 27, kubona uwahoze aharanira ubwigenge akanaba umukuru w'igihugu, atabwa muri yompi ahowe kugerageza kwiyumanganya kubazwa ivyo yakoze ari ku butegetsi. Vyerekana y'uko inzego za demokrasi za Afrika y'epfo - zikunze kwifatirwa mu gahanga n'abanyepolitike - zigikomeye, kandi abacamanza, abapolisi n'abakozi ba leta baraciteguriye gukurikiza amategeko mu gupfunga umugabo azinanye vyihariye na bamwe muri bo kandi bigeze gusangira urugamba mu gihe co kwibohora. Vyongeye, abacamanza baroroheye Zuma, bafata umwanya wo kumwumviriza igihe cose yakoresha muri sentare uburyo buzwi nk'umukenyuro wa Stalingrad - mu kurwanya ingingo ku yindi mu zashirwa imbere zose kugira arengutswe ku vyaha bikomeye aregwa. Kuwa gatanu (09/07/2021) umucamanza yaranse gukuraho ingingo y'ifatwa ryiwe, ku wa mbere naho sentare ikuriye izindi zose mu gihugu izokwumviriza ivyo yasavye vy'uko icaha co gusuzugura sentare cohanagurwa. Ibi ni akataraboneka muri Afrika y'Epfo, kandi amezi ari imbere arashobora kubamwo ivyosanishwa n'ireresi igihe Zuma azoba ariko araburana, mu rubanza rundi, ku vyagiriji vya ruswa bijanye n'amahera imiriyaridi $5 ajanye n'isoko ry'ibirwanisho mu myaka ya 1990. Yagirizwa ivyaha 15 bijanye n'ubunyonyezi, igiturire, magendo, kutariha ikori hamwe no gutunga amahera atazwi imvo - ivyo vyaha vyose akaba yarabihakanye igihe yarenguka muri sentare mu kwezi kwa gatanu. Mu gihe Zuma ahanganye n'imanza mu nzira zitandukanye, ikibazo nyamukuru ni iki: Mbe azohava atsinda yidegemvye, canke azokwunguka irindi pete nk'impfungwa yo ku rwego rusumvya izindi muri Afrika y'epfo?" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57783227 +politics Ibintu bihagaze gute muri Ukraine, Putin yoba ategura kurandura Kyiv? "Biraboneka ko ukwihangana kwa Perezida Vladimir Putin kuriko kurarangira, Uburusiya bukaba buriko buja ku yindi ntambwe nshasha y'intambara. Ingabo zabwo zegeranije ibirwanisho vyazo rutura, ibikoho bitera ibisasu vya rokete, za ndege zitagira abadereva (drones), ibisasu vya misire, mu micungararo y'ibisagara vya Ukraine, harimwo n'umugwa mukuru Kyiv. Kumbure kugira ngo umuntu atahure ingene Uburusiya bushobora kurwana intambara za nyuma na nyuma ku mugwa mukuru, ni uko yobanza akihweza ingene ingabo zabwo zarwanye intambara zo muri Grozny, muri Tchétchénie n'i Alep muri Syria - ibarabara ku rindi, ariko kandi zisambura ibisagara bizima. Ubwo Putin arashobora gukora gutyo i Kyiv? Biragoye kuvuga. Kyiv ifise kahise gakomeye - ni wo wari umugwa mukuru w'icahoze citwa Empire russe de Kiev/ Kyivan Rus Empire, imyaka myinshi cane imbere y'uko na Moscou ibaho. Mu gihe yosambura Kyiv, amakuru akamenyekana mu Burusiya, ntivyoba vyiza kuri we. Ariko Putin ashobora gukora ikintu ico ari co cose kugira ngo ashire Ukraine mu minwe. Yopfuma abona Ukraine iruhande yiwe yabaye umunyota hakubona Ukraine yinjiye mu bihugu vyo mu Burengero, mu kwinjira mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya n'ishirahamwe OTAN ryo kwivunira umwanshi hamwe. Hari ubwoba ko hashobora kuba igitero gikomeye cane kuri Kyiv, na rirya abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi b'Ubwongereza bavuga ko nyinshi mu ngabo z'Uburusiya muri kino gihe barundanye ku nkengera z'umugwa mukuru. N'aho bahura n'ingabo za Ukraine zaratse igihe cose bagerageje kwinjira muri iki gisagara, hari amakenga ko Uburusiya bwoba buriko burategura ibitero bikomeye kuri co, kandi ko bashobora kukigota nk'uko bimeze no mu bindi bisagara. Amakuru atangwa n'igendereza ry'igisirikare c'Ubwongereza avuga ko ingabo z'Uburusiya ziri ku birometero 25 uvuye ku mugwa mukuru Kyiv. Mu gihe igisirikare c'Uburusiya kibandanya gitera amabombe ku bisagara bitari bike vya Ukraine, mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu, habaye intambara zikomeye mu micungararo y'uburaruko bushira uburengero bw'umugwa mukuru. Mu gisagara ca Vasylkiv kiri mu bumanuko bw'umugwa mukuru Kyiv, ikibuga c'indege ca gisirikare catewe ibisasu vya misire, umukuru w'iki gisagara akavuga ko ico gitero casambuye ico kibuga congera giturira n'ububiko bw'igitoro, gituma kandi haba n'ibiturika vyateje umuriro mwinshi ku bubiko bw'amasasu. Amasanamu yerekanye umwotsi mwinshi uva kuri ico kibuga c'indege ca gisirikare. Ibi biri uku mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine wewe ahejeje gusohora iyindi reresi ku mbuga hwaniro ashikiriza ijambo igihugu. Mw'iryo jambo Perezida Zelensky avuga ko igisirikare c'Uburusiya kimaze gutakaza vyinshi gusumba ivyo kimaze gutakaza mu myaka mirongo - aho avuga ko ama batayo 31 y'intambara amaze gusamburwa. Asaba ko umukuru w'igisagara ca Melitopol Ivan Fedorov avugwa ko yanyurujwe n'ingabo z'Uburusiya arekurwa bidatevye. Abategetsi ba Israel barahakana amakuru yandikwa n'ibinyamakuru avuga ko Israel yasavye Ukraine ""kumanika amaboko"" ikemera ivyo Uburusiya bwasavye mu biganiro biheruka. Israel yagize uruhara mu twigoro two kugerageza guhagarika intambara muri Ukraine. Ku wa gatandatu w'indwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennett yaragize urugendo i Moscou, aho yaganiriye na Perezida Putin imbona nkubone, yongera kandi aravugana na Perezida Zelensky kuri terefone. Amakuru yandikwa n'ibinyamakuru avuga ko Bennett yagerageje gusaba Ukraine ko yokwemera ibisabwa n'Uburusiya kugira ngo intambara ihagarare. Ariko umutegetsi umwe muri retra ya Israel yavuze ko aya makuru ari ""ibinyoma vyeruye"". Uyu mutegetsi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: ""Nta na hamwe Bennett yigeze abwira Zelensky ico akwiye gukora, kandi uwo mugambi ntawo afise"". Umwe mu bahanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu wa ukraine, Mykhaylo Podolyak, avuga ko mu vy'ukuri, ""Israel ibona ko Uburusiya bukwiye kwihweza neza ibintu""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60719090 +politics William Ruto: Intsinzi yanje yuguruye imyango "Umukuru w’igihugu yatowe muri Kenya yemereye abanya-Kenya ko ata muntu n'umwe azohorwa ivyiyumviro vyiwe vya poririke. Yabivuze mw’ijambo ryiwe rya mbere kuva sentare ntahinyuzwa yemeje intsinzi yiwe  mu rubanza rwo kuyanka rwari rwashingishijwe n’uwo bahiganywe, Raila Odinga. Iryo jambo yarishikiririje ku kirimba c'icegera c'umukuru w'igihugu i Karen mu nkengera z'umurwa mukuru Nairobi. Yari kumwe n'uwuzoba icegeraa ciwe, Rigathi Gachagua, n'abagore babo, Rachael wa Ruto na Dorcas wa Gachagua. Ruto yavuze ko intsinzi yiwe ubu ishimangiwe n'ingingo ya sentare ntahinyuzwa mu rubanza rw'abari bitwaye bavuga ko ivyavuye mu matora vyogirwa impfagusa. Yavuze ko intwari y'aya matora ari umukuru w'umugwi wari uyajejwe, Wafula Chebukati. Ruto yavuze ko we n'abamushigikiye baburabujwe bagakorerwa amabi atandukanye muri iki gihe c'amatora. Ariko we yavuze ko ku butegetsi bwiwe ata n'umwe azohorwa ivyiyumviro vyiwe. Yakeje abo bahiganywe mu kibanza c'umukuru w'igihugu harimwo uwuza imbere Raila Odinga. Ati ""turahiganwa ariko ntituri abansi"". ""...ndahamagara Raila Odinga tuvugane ingene tugiye kuzokorana ... mu ruhara rwabo nk'abatavuga rumwe n'ubutegetsi"". Ruto yari amaze imyaka 10 ari icegera ca prezida Uhuru Kenyatta ahejeje ibiringo vyiwe bibiri. Ariko prezida Kenyatta yahisemwo gushigikira uwo batavuga rumwe Raila Odinga. Ruto yavuze ko adafata nabi kuba ""yahisemwo gushigikira uwundi muntu"", kuko ""igihe nashigikira Uhuru Kenyatta ntaco nabanje kumusaba"". Uwo mukuru w'igihugu yatowe yavuze ko aja guhamagara ""umugenzi wanje prezida Kenyatta"" kugira bavugane ivyo kubisikanya ku butegetsi. Ati: ""Haheze amezi menshi tutavugana"". ""Ndazi ko yakoze cane mu buryo bwiwe, ariko abanya-Kenya barahisemwo"". ""Tuzokwubaha umukuru w'igihugu cacu nk'uwarangije igihe c'ubutegetsi...turi abantu b'iteka"". Yavuze ko prezida Uhuru yakoze akazi keza kandi ko azogira ikibanza muri kahise k'igihugu. William Ruto- avuka mu muryango w'abantu basanzwe cane- yavuze ko intsinzi yiwe yuguruye imyango kugira umwana uwari wese muri Kenya agire indoto ko nawe ashobora kuba indongozi. Uhuru Kenyatta we n'umuhungu w'uwabaye prezida wa mbere wa Kenya , Jomo Kenyatta. Raila Odinga nawe se yari umuntu yari azwi cane muri poritike ya Kenya. Amategeko ategekanya ko mu minsi indwi kuva intsinzi yemejwe ariho umukuru w'igihugu yatowe azorahirira amabanga yo kuba umukuru w'igihugu. Ariko yavuze ko buno nyene agiye gutangura kuja ku kivi. Ati: ""Ndazi ka abantu biteze vyinshi cane. ""Hari abarimyi baja batanguye kumbaza ngo ""mbe ibitabizo bizimbutse bizoboneka ryari""?'' Abajijwe ico azokora mu minsi ijana ya mbere y'ubutegetsi bwiwe, Willian Ruto yavuze ko azobivuga mw'ijambo azoshikiriza ku munsi wo kurahira." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cy677lwdn24o +politics Ethiopia - Tigray: Reta ivuga ko yisubije ibindi bisagara Abategetsi ba Ethiopia batangaza ko bisubije ibisagara bitari bike mu ntara ya Amhara vyari vyigaruriwe n'inyeshamba za Tigray, mu gihe ingabo za reta zibandanya zitera intambwe ku rubuga. Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Legesse Tulu yabwiye abanyamakuru kuri uyu wa gatandatu ko ibisagara Haran, Gobye, Robit Kobo na Woldiya vyasubiye mu minwe ya reta, ubwa mbere kuva mu ci riheze. Inyeshamba za Tigray ntaco ziravuga, ariko mu misi iheze zavuga ko zasubiye inyuma kugira ngo zipange gushasha. BBC ntiyashoboye guhinyuza aya makuru, ariko mu gihe vyoba ari vyo, reta yoba yisubije ibisagara hafi vyose bikomeye, kiretse igisagara ca Lalibela casubiye kwigarurirwa n'inyeshamba. Lalibela, igisagara kirimwo amasengero ya kera, yari yafashwe n'ingabo za Tigray mu kwa munani, mu ntango z'uku kwezi ikaba yari yigaruriwe n'ingabo za reta imbere yo gusubira kugitakaza mu ntango z'iyi ndwi. Iyi ntambara imaze umwaka hagati y'ingabo za reta n'inyeshamba z'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) imaze guhitana abatari bake, isiga abandi mu kangaratete. Inyuma y'aho inyeshamba za Tigray zivugiye ko zariko zirasugereza umugwa mukuru wa Ethiopia Addis Abeba, vyabaye ngombwa ko umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed afata ingingo yo kwigira ku rubuga kugira ngo ashigikire ingabo ziru ku rugamba. Yarerekanywe ku ma videwo n'amasanamu ari mu mwambaro wa gisirikare, aca mu mashamba, aduga imisozi, agenzura akarere akoresheje za ndabirakure (jumelles), avugana n'abasirikare bari munsi y'ibiti. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59709150 +politics Burundi: Perezida Ndayishimiye yavuze ku bivugwa mu gihugu no ku gihugu "Inyuma y'iminsi 100 ashikirijwe amabanga y'ukurongora igihugu, Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko yashimye kuvugana n'abanyagihugu kugira ngo yumve ivyo barindiriye ku butegetsi bushasha. Ati: ""Kuva igihe narahira, novuga nti naciye ntangura kuja mu mukwanguro, rero uno munsi inzego z'igihugu zarahejeje kujaho, umukwanguro twarawuronse, ubu turashobora kuvuga tuti turatanguye ubwahuro"". Yabajijwe ibibazo ku migenderanire, ubutunzi, abakozi ba leta, ugushigikira urwaruka, agateka ka zina muntu, hamwe n'ibindi bijanye n'ubuzima bw'igihugu. Bwana Ndayishimiye abona ko itari inama ikomeye cane ku buryo hari uwusivye hari kuba ikibazo. Kubw'iwe, yari inama isa n'uko ari abagenzi baziranye bashaka kwicarana kugira ngo babe baraganira ku tuntu tumwe tumwe. Ati: ""Ico gihe rero, umuntu abonye ingene iyo nama yatumiwe, urabona ko ari inama itagira urwego, idakeneye vya bitigiri kanaka bavuga bati aba badakwiye inama ntiba"". ""Uwufise umwanya wese aritaba kuko ni vyiza ko abantu baganira. Ariko iyo hari uwabuze akaryo ntikibuza ko inama ibandanya kuko ntiruba ari urwego"". Bwana Ndayishimiye avuga ko yabuze umwanya kubera agifise vyinshi cane ariko arakora, akavuga ko ari ibisanzwe cane cane mu gihe inzego zikiri nshasha. Hagati aho, Perezida Ndayishimiye avuga ko mu gihe iyi nama yotunganywa afise akanya gakwiye ko yoyitaba ata ngorane. Bwana Ndayishimiye avuga ko imigenderanire yatosekaye kubera u Burundi bwasanze ibi bihugu bifise uruhara mu vyabaye mu 2015, cane cane mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi. Ati: ""Hanyuma bitwaje igikenye baca babohera amaboko imugongo leta kugira ngo bikunde itembagare mu bukene bwayo, ariko Imana yarakinze"". Yongeraho ati: ""Uno munsi twaramaze kubamenyesha tuti mu kugenda mwarijanye, si twe twabirukanye. Mushatse kugaruka muzoza, mudashatse naho ntawubahata"". Ibihugu vya Bulaya vyarafatiye ibihano u Burundi kuva bwinjiye mu ndyane za politike mu 2015 vyisunze amasezerano ya Cotonou yerekeye ugufashanya hagati y'Ubulaya n'ibihugu vya Afrika, Karayibe na Pasifike, cane cane bikaba vyisunze ingingo ya 96 yo muri ayo masezerano. Abajijwe kuri aya masezerano, Perezida Ndayishimiye yishuye ko ikiringo cayo caheze, ko ""rero tutobandanya duharira ku kintu caheze"". Bwana Ndayishimiye avuga ko hari ingorane zikiri ku Rwanda yagiriza ko rubitse abakoze ivyaha mu Burundi. Ati: ""Uno munsi nyene, bamwe batembagaza ubutegetsi, bakica abantu, bagaturira amazu n'imiduga, n'ubu bibereye harya mu Rwanda, twebwe tukiyumvira mbere y'uko u Rwanda ruriko rurabategura gutera u Burundi"". U Rwanda ruhakana kugira uruhara mu igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015. Asaba iki gihugu ko nimba ari umubanyi mwiza, gutanga aba bantu kugira ngo bahanwe maze imigenderanire imere neza, kuko kuri we, umwana akoze ikibi mu muryango arahanwa. Avuga ko u Rwanda rukwiye gusubiza abo bantu bagirizwa nk'uko n'u Burundi nabwo bwama busubiza inkozi z'ikibi zihungabanya u Rwanda iyo ziramutse zihungiye i Burundi. Umurwi wa ONU uheruka gutangaza raporo nshasha uvuga ko hariho ivyaha vyo guhonyanga agateka ka muntu vyabandanyije mu Burundi. Mbere uvuga ko udafise icizere ku butegetsi bwa Ndayishimiye kuko abagirijwe ivyaha hambere ""ubu barushijeho gukomera muri leta"". Bwana Ndayishimiye aha we yavuze ko abavuga ibi bafise intumbero ya politike, akavuga ko mu vyo bavuga batigera biyumvira abakorewe ivyaha, ko ahubwo bavugira ababikoze. Ati: ""Ni baba bashaka kuvuga agateka ka zina muntu nibatubwire bati hariho aba ""victimes"" naka na naka mutigeze mushaka guca urubanza kugira ngo batunganirwe. ""Mugabo usozanga bariko bavugira abakoze ikibi. ""Akarorero, uze wumve bageze kuvugira abapfunzwe bariko baraburana, ntibigera bibuka bati bamwe bapfa ubwo leta iriko irabavugira? ""Mbega ni kuki bataza mu Burundi kugira ngo bumvirize abenegihugu ingene bariko baravuga?"" Umurwi wa ONU wowo uvuga ko leta y'u Burundi itawemerera kuja mu gihugu kandi idasubiza ivyo uyibaza vyose. Mu minsi iheze, umuhari RED-Tabara waratangaje ko hari abarwanyi bawo binjiye mu gihugu kandi ko ari bo baherutse gukora ibitero mu mihingo imwe imwe y'igihugu. Kubwa Bwana Ndayishimiye, nta barwanyi bateye igihugu, avuga ko ari abicanyi n'abasuma bakoze ivyo bakora kubera bazi ko hari abanyapolitike baca babavugira. Ati: ""Uteye igihugu, uravuga uti ndamaze gufata iyi komine, n'amakungu akabimenya, hari aho ivyo muravyumva? ""Hariho ico bita ubwicanyi, ubugizi bwa nabi, harimwo ubusuma, kurandura akarimbi, kwica umuntu, ivyaha bihanwa n'amategeko. Iyo rero umuntu ari umwicanyi, umusuma […] ntaca avuga ngo yateye igihugu"". Nayo kw'ifatwa ry'agasakisaki ririko riribonekeza kuva iyi mirwi ivuze ko yateye igihugu, aho abenshi mu bafatwa bavugwa ko ari abanywanyi b'umugambwe CNL, nk'uko kandi n'abawurongoye baherutse kubivuga, Bwana Ndayishimiye avuga ko abafatwa bafatwa ku mvo z'amatohoza." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54302736 +politics EAC: ONU isaba amakungu gufasha Afrika y’Ubuseruko guhangana n'inzige "Ishirahamwe ONU risaba amakungu ko yofasha akarere ka Afrika y'Ubuseruko kurwanya ikiza c'inzige kiriko kirakora ibara. Umuvugizi w'igisata ca ONU kijejwe imfungurwa kw'isi, FAO, asaba imfashanyo kugira ngo ako karere gashobore ""guhangana n'inkurikizi z'inzara"". Ethiopia, Kenya na Somalia birageramiwe n'igitero c'izo nzige zitema zigatongora imirima, zigatera n'ikigoyi. Iryo shirahamwe rifise ubwoba ko gushika mu kwa gatandatu, izo nzige zishobora kuba ziyongereye ku ncuro 500. Mu Burundi inzige zaravuzwe muri kahise, aho zateye amapfa. Ibihugu vya Ethiopia na Somalia ntivyari biherutse guhura n'ibiza nk'ivyo mu kiringo c'imyaka 25, nayo Kenya yoyo ikaba itari bwigere iterwa n'inzige mu kiringo c'imyaka 70, nk'uko FAO ibivuga. Mu gihe zobandanya zirwirirana kandi zikwiragira, ibihugu vya Sudani y'epfo na Uganda nivyo bivugwa ko bishobora kugeramirwa. FAO iti: ""Uravye ingene izo nzige zikwiragira n'ingene zingana, ni ibintu bidasanzwe ku buryo ibisata bijejwe guhangana nazo vyarengewe"". Izo nzige zavuye mu gihugu ca Yemen zijabukira mu kiyaga gitukura. Imvura nyinshi yaguye mu mpera z'umwaka wa 2019 zatumye utwo dukoko duhonya imirima n'amashamba twiyongera ku rugero rudasanzwe. Mu kwezi guheze, izo nzige zaratumye indege yunguruza abantu muri Ethiopia ihagarika urugendo rw'indege, zimaze kwinjira mu mamoteri ziranazibira ku buryo umudereva atashobora kubona iyo aja, biba ngombwa ko atura ku kibuga muri Addis Abeba. Abatari bake barumva ivyerekeye inzige mu Burundi, ariko bakavyumva muri kahise nk'umugani kubera amarira n'amaganya vyasiga mu gihugu nk'uko bivugwa na Aloys Batungwanayo, umucukuzi mu vya kahise. Bwana Batungwanayo asigura ko muri kahise inzige zateye mu Burundi, aho wasanga zitumye igihugu giterwa n'amapfa. Avuga kandi ko zanatuma hashobora kwaduka n'intambara kuko zafatwa ko ari ikimenyetso c'uko umwami atari agishoboye gutwara, agasabwa gutanga, yanana ugasanga haradutse intambara yo kumurwanya. Ati: "" Aho ziciye ziratema zigatongora hagasigara ubugaragwa, zigasiga inzara izura inzara"". ""Iyo rero zishitse mu Burundi ku ngoma y'umwami kanaka, baca bavuga ko atagishoboye gutwara, bakamusaba ko yiha ubuki, iyo yanse hagaca haduka indwano hirya no hino"". Bwana Batungwanayo avuga ko izizwi cane muri kahise k'u Burundi ari izateye mu 1860 ku mwami Mwezi Gisabo, zivuye muri Tanzania. Avuga kandi ko zasubiye gutera u Burundi igihe bwacurwa bufuni na buhoro n'abakoloni b'Ababirigi, aho mu mwaka wa 1929 zateye ikigoyi bise MANORI, be no mu 1949 aho zateye ikigoyi ciswe GAKWEGE. Yibutsa ko n'ubu bwa vuba, ""mu 2006 zateye mu ntara ya Bubanza ziri kumwe n'ibinyabwoya ariko Imana ikaba yarakinze ntizonona imirima kuko zaciye zigenda"". Aho inzige ziciye zihasiga amarira n'amaganya kuko zirya ibiterwa mu mwanya muto cane kandi ntaco zisiga, nk'uko Batungwanayo abivuga. Ati: ""Abantu batunzwe n'imirima, ibikoko bitunzwe n'imirima hamwe n'ivyatsi, rero aho ziciye hasigara ubugaragwa"". ""Ni ukuvuga ko inkurikizi ari uko zisiga inzara izura inzara, ikica abantu n'ibikoko"". Bwana Batungwanayo afise ubwoba ko zishobora gushika no mu Burundi kuko ata n'ubuhinga busanzwe buhari bwo kuzirwanya. Hagati aho, afise icizere ko u Burundi bufise igisata kijejwe gukinga impanuka z'ivyaduka mu bushikiranganji bw'umutekano. Agisaba kuba maso kugira ngo babe bariyumvira ""umuti mu gihe zoshika mu Burundi na rirya ziri ku muryango"". Ishirahamwe FAO rivuga ko inzige zishobora kugenda urugendo rw'ibirometero 150 ku munsi, haba hari ubwoba ko zishobora no kubandanya zikwiragira no mu bundi burere." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51247623 +politics US: Abarepubulikani bafashije kwemeza itegeko ryemerera abubakana basangiye ibitsina "Abarepubulikani batari bake bashigikiye aba-Democrats mu nama nshingamateka ya Amerika mu kwemeza integuro y’itegeko rishobora kuzokingira abubakanye basangiye ibitsina. Aba-Democrats babona ko Sentare Nkuru (urukiko rw'ikirenga) ya Amerika ishobora gufuta uburenganzira bw’abubakanye basangiye ibitsina, ariko Abarepubulikani babinegura biyamirije iyi nteguro bafata nk’ugushaka kubahendahenda. Mu 2015, Sentare Nkuru ya Amerika yaremeje ko abubakana basangiye ibitsina babifitiye uburenganzira mu gihugu cose. Ariko mu kwezi guheze, yarafuse uburenganzira bwo gukorora inda bwari bumaze igihe kirekire bukingiwe n’ibwirizwashingiro. Amahirwe y’uko haba itegeko rikingira abubakanye basangiye ibitsina hamwe n’abadasangiye ubwoko (Respect for Marriage Act) asa n’uko ari make mu nama nkenguzamateka ifise ibitigiri bingana hagati y’aba-Democrats n’abarepubulikani. Abarepubulikani bababa 47 bishize hamwe n’aba-Democrats mu kwemeza iyi ngingo ku majwi 267-157 ejo ku wa kabiri inyuma y’aho abarongoye abarepubulikani bahereye uburenganzira abanywanyi b’umugambwe wabo gutora ikiri ku mutima. Abarenga bitatu vya bine vy’abashingamateka b’abarepubulikani bariyamirije iyi nteguro kuri iki kibazo kimaze igihe kirekire ari ikigeragezo ca poritike ku ruhande rw’abagendera ku mico ya kera. Abagendera ku mico ya kera basanzwe banegura iyi nteguro bagabisha ko aya matora ari umutego w’aba-Democrats kugira bagondoze abarepubulikani kwerekana aho bahagaze mu gihe himirije amatora y’abashingamateka yo mu kw’icumi na rimwe uno mwaka. Umushingamateka Jim Jordan wo muri Ohio avuga ati: ""Turi ng’aha mu manyanga ya poritike"". Uwurongoye inkehwa mu nama nshingamateka Kevin McCarthy hamwe n’uwujejwe indero ku ruhande rw’inkehwa Steve Scalise batoye oya, ariko uwugira gatatu mu bashingamateka b’abarepubulikani Elise Stefanik yatoye ego. Uwundi kandi yatoye ego ni umurepubulikani azwi cane Liz Cheney yigeze gucanamwo muri kahise n'umugore bavukana wo mu bubukana basangiye ibitsina, igihe Cheney yiyamiriza abubakana basangiye ibitsina. Iyi nteguro y’itegeko izoshobora kandi gutuma abubakanye badasangiye ubwoko bakingirwa n’amategeko. Aba-Democrats bazanye iyi nteguro inyuma y’aho ba nyarwinshi bagendera ku mico ya kera bo muri Sentare Nkuru y’igihugu mu kwa gatandatu bahinduriye itegeko rizwi nka Roe v Wade  ryo mu 1973 ryatanga uburenganzira bwo gukorora inda. Umucamanza ari ku ruhande rw’abagendera ku mico ya kera Clarence Thomas yanditse mu kwezi guheze ko n’ibindi vyemezo vyo muri kahise ku bibazo nk’ivy'abubakana basangiye ibitsina hamwe n’ivyo kugenzura imvyaro bishobora gusubirwamwo. Ariko umucamanza Samuel Alito, uwundi agendera ku mico ya kera, yarasiguye neza mu ngingo yiwe ko ""iki cemezo cerekeye uburenganzira butangwa n’ibwirizwashingiro bwo gukorora inda gusa”. Abarepubulikani baneguye ibivugwa n’aba-Democrats ko ukwubakana hagati y’abadasangiye ubwoko gushobora kubangamirwa, berekana ko umucamanza Thomas ari umwirabure yarongoye umuzungukazi. Umukuru w’aba-Democrats mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer ejo ku wa kabiri yavuze ati: ""Reka duhangane naco: Uku ni ukuzana ca civugo ca 'Kwongera kugira Amerika Igihangange' muri Sentare Nkuru y’igihugu. Uruhande rw’intagondwa muri Sentare Nkuru y’igihugu rugomba kugarukana iki civugo”. 'Kwongera kugira Amerika Igihangange' (Make America Great Again), ni icivugo cakoreshwa n’uwahoze ari umukuru w’igihugu Donald Trump mu myiyamamazo y’amatora yatsinze mu 2016. Umushingamateka Schumer ntiyiyemeje gutwara mu nama nkenguzamateka iyi nteguro kugira ije mu matora. Ivyabaye ejo ku wa kabiri vyerekana intambwe Amerika imaze gushikako kuri kino kibazo c’abubakana basangiye ibitsina cigeze kuba kibacanishamwo cane, neza na neza inyuma y’imyaka 14 Barack Obama, umu-Democrat, yariko yiyamamariza kurongora igihugu, avuze ko ukwubakana ari hagati y’umugabo n’umugore. Amatohoza yakozwe n’ikigo Gallup mu kwa gatandatu yerekana ko igitigiri c’abashigikiye abubakana basangiye ibitsina ciyongereye, aho 70% vy’Abanyamerika bakuze bashigikiye ubugeni nk’ubwo." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cjqx332x2g0o +politics Amasezerano ya AUKUS: France na US biriko bigerageza guhagarika icuka kibi "Ubufaransa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biri mu twigoro two guhagarika icuka kibi hagati yavyo catanguye mu ndwi iheze inyuma y'amasezerano ajanye no kwivuna umwansi azwi nka AUKUS hagati ya Amerika, Ubwongereza na Australia. Aya masezerano yatumye Ubufaransa butakaza isoko ryo kwubakira Australia amato (sous-marins/submarines) ry'imiriyaridi 37 z'amadorari. Paris ivuga ko yagiye kumenya ivy'ayo masezerano hasigaye amasaha make ngo ashirwe ku mugaragaro. Abakuru b'ibihugu vya Amerika n'Ubufaransa basohoye itangazo rivuga ko ibintu bishobora kuba bigiye kuja mu buryo kubera ibiganiro bitaziguye hagati y'ibi bihugu bisanzwe bicuditse. Ejo ku wa gatatu, Joe Biden na Emmanuel Macron baravuganye kuri terefone mu kiringo c'iminota 30. Bazohurira kandi n'i Bulaya mu mpera z'ukwezi kuza. Aya masezerano ya AUKUS yateweko igikumu mu ndwi iheze afatwa ko afise intumbero yo guhagarika ubwiganze bw'Ubushinwa mu nyanja y'Ubushinwa (Mer de Chine méridionale/South China Sea). Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko aya masezerano ashobora kuba ari yo ya mbere akomeye abaye hagati y'ibi bihugu bitatu kuva inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose. Ariko rero uburakari bw'Ubufaransa nibwo bwabonetse cane - umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire akaba yavuze ko ari amasezerano ""y'incamugongo"". Kimwe mu bintu bidakunze kuboneka muri ibi bihugu bicuditse, ni uko Perezida Macron yaciye ategeka ko abaserukira Ubufaransa i Washington na Canberra batahukanwa. Hagati aho, uwuserukira Ubufaransa agiye gusubira i Washington ku kazi kiwe. Ariko ntacatangajwe nimba umuserukizi wabwo muri Australia nawe azosubira i Canberra. Perezida Biden yasubiye gushimangira uruhara Ubufaransa n'Ubulaya bifise mu karere ka Aziya na Pasifike. Hanyuma iri tangazo rirashimangira ko Amerika yemera akamaro k'Ubulayi mu bijanye n'ukwivuna abansi mu ntumbero yo gushigikira ishirahamwe ryo kwivunira abansi hamwe OTAN/NATO - kimwe mu migambi nyamukuru ya Perezida Macron. Kuri uyu wa kane, hitezwe umubonano hagati y'umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Anthony Blinken n'umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Yves Le Drian, inyuma y'inama nkuru ya ONU i New York, nk'uko bivugwa n'umutegetsi wa Amerika. Ariko, haracari amakenga ku bijanye n'inama hagati y'abategetsi b'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya (UE/EU) n'aba Australia itegekanijwe mu ndwi iza. Ni ikoraniro rigize gatatu - hagati ya EU na Australia canke hagati ya EU na Amerika - rishobora kuzokwunguruzwa biturutse kuri aya masezerano. Ejo ku wa gatatu, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yabwiye Perezida Macron ati ""donnez-moi un break"", anamusaba gutsinda ishavu ku vyerekeye Aukus. Umwihwezo w'umunyamakuru Nomia Iqbal, akorera i Washington Aya ni amayeri y'abanyamerika yo ""gusaba imbabazi udasavye imbabazi"": ni ukuvuga mu gusaba imbabazi ku kuntu yavyitwayemwo (habuze ibiganiro), ariko ntasabe imbabazi kuri aya masezerano (amasezerano ya Aukus). Ariko rero, Perezida Biden yabonetse amwenyura igihe yari kuri terefone na Macron, mu ntumbero yo kwerekana ko ibintu bimeze neza. Ariko turavye ibijanye n'iri tangazo, rishobora kuboneka ko ata kirimwo, ariko rifise insiguro nyinshi. Ubwa mbere, ni itangazo rihuriweko na bose, mu gihe mu bisanzwe usanga uruhande rumwe rumwe rusohora itangazo ryarwo, rero aba bategetsi bompi bashatse kwerekana ko bashize hamwe inyuma ""y'ikiganiro c'iminota 30 bagiriraniye kuri terefone"". Iri tangazo ryatanguye kwerekana neza ko ari Perezida Biden yarondeye Macron - kumbure iki gishobora kuba ari ikintu Ubufaransa bwipfuza ko kimenyekana. Hanyuma kandi hari uyu murongo uvuga uku: ""Aba bategetsi bompi bemeranije ko ibintu bishobora kuba vyafashe inzira nziza kubera baganiriye badahishanya"" - kumbure n'iki gifise kuba ikintu Ubufaransa bwipfuza ko kimenyekana. Ariko na Amerika nayo ntigugumwa, Biden ntiyigeze ahindura ivyo yamye avuga kuva kera, ko Ubulaya ubwabwo butegerezwa gukora gusumba ku bijanye n'umutekano wabwo. Hanyuma kandi iri tangazo riheraheza ryibutsa ko Amerika ifashe mu mugongo ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba mu karere ka Sahel, akarere Ubufaransa busanzwe buriko burakoreramwo cane. Muri make, iri ni itangazo ryitondewe cane n'impande zompi kugira ngo bahurize hamwe hanyuma ibintu bibandanye. Ariko gusa, akamwenyuro ka Biden igihe yari kuri terefone ni ikindi kintu. Mbega bizogenda gute ni bahura amaso mu yandi mu kwezi kuza i Bulaya? Ni ngombwa kandi kwibutsa ko Perezida Macron arondera gusubira kwitoza mu matora y'umwaka uza. Uku kwihagararako agahangana na Perezida Biden kwari nkenerewa kuri we hagati mu gihugu kugira ngo yerekane ko afise inguvu, ariko kandi aho nyene agategerezwa kurondera ingene ashobora kuvyigobotoramwo. Rero iki kiganiro yagiranye na Biden kuri terefone camufashije cane." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58661431 +politics RED Tabara ihakana ko ata murwanyi wayo yafashwe na FARDC Nyuma yaho igisirikare ca Republika ya Demokrasi ya Kongo kivugiye yuko cafashe abarwanyi b'umugwi w'inyeshamba zirwanya leta y'u Burundi, RED Tabara, uwo mugwi wavyiyamirije. Umuvugizi wa RED Tabara, Patrick Nahimana, yabwiye Florentine Kwizera ko abo bantu igisirikare ca Kongo kivuga ko cafashe atari abarwanyi bayo. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58890803 +politics Umwamikazi azobanana na Prezida Joe Biden ku ndwi iza. "Umwamikazi azobonana na Prezida wa Amerika Joe Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden ku ndwi iza, ku ndwi iza, nk'uko ikirimba ca Buckingham cabimenyesheje. Uwo mubonano uzobera ku kirimba ca Windsor ku wa mungu itariki 13 ukwezi kwa gatandatu, uhuriranye n'uko hazoba harangiye urugendo rwa prezida Biden mu Bwongereza aho azoba yitavye inama y'abakuru b'ibihugu 7 vyambere bitunze cane kw'isi, G7. Biden azoba abaye umukuru wa Amerika agira 12 azoba abonanye n'Umwamikazi nk'uwuri ku ngoma mu Bwongereza. Yarabonanye n'uwo Biden yasubiriye Donald Trump n'umutambukanyi wiwe Melania Trump ku kirimba ca Buckingham mu 2019. Umwamikazi, ubu afise imyaka 95, yabonanye ubwa mbere n'umukuru wa Amerika ari ku butegetsi , Harry S Truman, akiri Umuganwakazi Elizabeth mu 1951. Kuva ico gihe nta mukuru n'umwe yatowe kurongora Amerika batarabonana mu myaka 69 amaze ku ngoma, kiretse Lyndon B Johnson wenyene. Biden n'umutambukanyi wiwe bararungitse ubutumwa bwo guhoza Umwamikazi igihe yabura umugabo wiwe, Duc wa Edimburgh, mu kwezi kwa kane. Bavuze ko bagumiza umuryango w'i bwami ''mu mitima yacu muri ibi bihe"". Iyo nama ya G7 i Cornwall izoba ariyo ya mbere Biden yitavye hanze ubwiwe, kubera ikiza ca coronavirus camubujije gutembara hanze ya Amerika kuva yinjiye ibiro vya Maison Blance (White House). Ikirimba ca Buckingham cavuze mw'itangazo rigufi ko : ""Umwamikazi azobonana na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'umutambukanyi wiwe Jill Biden ku kirimba ca Windsor ku wa mungu itariki 13 ukwezi kwa gatandatu mu 2021.""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57344119 +politics US: Bemeje integuro y’itegeko rikingira abubakanye basangiye igitsina "Inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje integuro y’itegeko rikingira abubakanye basangiye ibitsina hamwe n’abubakanye badasangiye amoko. Iri tegeko rica risubira mu nama nshingamateka yiteze kuryemeza hanyuma ice irirungikira umukuru w’igihugu Biden kugira ngo aritereko igikumu. Abashigikiye iri tegeko bizeye ko ryemezwa imbere y’uko Abarepubulika bafata Inama nshingamateka mu kwa mbere. Hagati aho, iyi nteguro ntitegeka intara zose mu gihugu gushingira abubakana basangiye igitsina. Integuro y’iri tegeko yagiye kuronka inguvu inyuma y’aho, mu kwa gatandatu, Sentare nkuru y’igihugu ifatiye icemezo igafuta uburenganzira bwo gukorora inda bwatangwa n’igihugu. Abaharanira agateka k’abari muri wa murwi w’abahuza ibitsina babisangiye (LGBT) bafise ubwoba ko uburenganzira bwo kurongorana hagati y’abasangiye igitsina bushobora kugwa mu ngorane mu mezi ari imbere. Abemeje iyi nteguro mu matora yabaye nijoro ku wa kabiri ni 61 kuri 36 ,aho Abarepubulika 12 bayemeje. Iyi nteguro yagiye gushigikirwa n’abakenguzamateka b’Abarepubulika inyuma y’aho yongewemwo ingingo zikingira ubwigenge bw’amadini. Integuro y’iri tegeko ifise intumbero yo gushimangira uburenganzira bw’abarongorana basangiye ibitsina mu mategeko y’igihugu, n’aho ababana muri iyo nzira basanzwe bakingiwe mu gihugu biciye mu ngingo Sentare nkuru y’igihugu yafashe imbere y’aha. Mw’itangazo, umukuru wa nyarwinshi mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer arashimagiza iyi ngingo, akavuga ko ari intambwe ikomeye “mu rugendo rurerure rutera ruja ku buringanire nyabwo”. ""Mu kwemeza iyi nteguro, inama nkenguzamateka irungitse ubutumwa buri munyamerika akeneye kwumva: Ata kuraba uwo uri canke uwo ukunda, na wewe ukeneye iteka no gufatwa kumwe nk’abandi imbere y’amategeko”. Tammy Baldwin, umukenguzamateka wa mbere w’umu-Democrat yavyiyemeje ku mugaragaro, akongera agafata iya mbere mu rugamba rwo guharanira iyi nteguro, avuga ko iri tegeko “rizokingira intambwe yashitsweko bigoranye” ku burenganzira bw’abubakana basangiye ibitsina muri Amerika. Iyi nteguro nshasha ikuraho ku mugaragaro itegeko rikingira ugushingira, rizwi nka Defense of Marriage Act (DOMA) ryo mu 1996 risigura neza ko ukurongorana biba gusa hagati y’umugabo n’umugore. Mu 2013, Sentare nkuru y’igihugu yafashe ingingo yavuga ko iri tegeko riteye kubiri n’ibwirizwashingiro. Integuro y’iri tegeko yaraye yemejwe n’inama nkenguzamateka isaba kandi intara kwemera abubakanye basangiye ibitsina bashingiraniye mu zindi ntara. Isaba kandi intara gukora ku buryo abubakanye basangiye ibitsina baronswa uburenganzira butangwa n’igihugu. Aya matora yabaye inyuma y’ibiganiro hagati y’imigambwe yompi iri mu nama nkenguzamateka vyamaze amezi atari make, akaba kandi abaye inyuma y’amatora aheruka yo hagati muri manda, akaba ahumuriza bamwe mu bakenguzamateka." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cq57yplzwgko +politics Amatora muri USA - 2020: Kubera iki Abraham Lincoln yavuzwe cane mu mpari hagati y'abahiganwa "Mu kiganiroi c'impari hagati ya Donald Trump na Joe Biden mw'ijoro ryo ku wa kane, hari ikintu kibandanya kigaruka mu mitwe y'ababakurikiranye. Ku kibazo kitavugwako rumwe na gato ku bijanye n'umubano hagati y'amoko muri Amerika, Perezida Trump yarafatiye cane kuri Abraham Lincoln - umukuru wa Leta Zuze Ubumwe za Amerika yagira 16 yarwanije ubucakara amaze gutsinda intambara yo mu myaka ya 1960s. Bwana Biden yarashatse kubikorerako akoresheje amajambo y'agahemo, ariko Bwana Trump wewe nta vyo gufyina vyagiyemwo. Vyagenze uku; Perezida Trump yavuze - kandi ntibwari bwo bwa mbere - ati: ""Nta wundi mukuru w'igihugu arigera akorera ivyiza abirabure gusumba Donald Trump ...kiretse Abraham Lincoln"". Yongera ko ati: ""Muri ino nzu ni jewe ntagendera ku vyiyumviro vy'ivanguramoko"". Bwana Biden nawe ati: ""'Abraham Lincoln' dufise ng'aha ni umwe mu ba perezida bashira imbere ivanguramoko dufise mu gihe ca none. Akantu ako ariko kose kajanye n'ivanguramoko, ako ari ko kose, aca agafatirako mu gukokeza"". Trump: ""Afatiye kuri Abraham Lincoln, ivyo bivuye he?"". Biden: ""Uvuze ko uri Abraham Lincoln."" Trump: ""Oya, oya... Sinavuze ko 'ndi Abraham Lincoln'. Navuze nti , 'Kiretse Abraham Lincoln nta wundi muntu arigera akorera Abirabure nk'ivyo maze kubakorera"". Mu kumwihora, Bwana Trump yaciye abaza Biden ivyo amaze gukora we ubwiwe ku kibazo c'umubano hagati y'amoko. Yaciye amwibutsa integuro y'itegeko ryo mu 1994 Bwana Biden yafashije kwandika, itegeko ryiyamirizwa n'abari muri rya sekeza Black Lives Matter (ubuzima bw'abirabure ni kirumara) bakavuga ko ari ryo ryatumye Abanyamerika bakomoka muri Afrika bama bariko barapfungwa. Aya majambo yaciye atuma abatari bake bavuga amajambo menshi ku mbuga hwaniro. Uyu umwe muri bo ati : ""Abraham Lincoln ariko arihweza muri rino joro: Perezida Trump arakunze kwigereranya na Abraham Lincoln akavuga ko ubutegetsi bwiwe bwitayeho gusumba ibibazo vy'Abanyamerika bakomoka muri Afrika mu bijanye n'indero, ubuzi n'ibindi bisata. Abasesenguzi baciye bakorera kuri aya majambo akunze kuvugwa na Trump, bavuga ko mu gihe ca none hari abaperezida bakoze ibintu vyinshi cane cane cane mu bijanye n'uburenganzira bwa kiremwamuntu. Batanga akarorero cane cane ka Lyndon B Johnson, yahagarariye itegeko ritanga uburenganzira bwo gutora ritavangura, itegeko Fair Housing Act rikuraho ivanguraruhu iryo ari ryo ryose mu bijanye no kugura, kugurisha canke gukotesha inzu mu myaka ya 1960. Mu mwaka uheze, Trump yarigereranije n'uyu mukuru w'igihugu yagira 16, mu kuvuga ko ata wundi mu perezida arigera afatwa nabi n'ibinyamakuru nka we - ndetse na Lincoln. Ati: ""Biravugwa ko Abraham Lincoln yafashwe nabi cane, ariko nta wundi arigera afatwa nabi nka jewe"". Perezida Lincoln yararongoye igihugu mu rugamba rwo kurwanya amaleta yo mu bumanuko yari yishize hamwe kugira yiyonkore maze yibandanirize n'ubucakara mu ntambara ya Amerika yo mu 1861-1865. Mu 1863 yaciye ategeka ko Abanyamerika bakomoka muri Afrika, ari bo bari abacakara, baronka umwidegemvyo. Haciye iminsi mike Jenerali Robert E Lee amanitse amaboko mu 1865, Lincoln yaragandaguriwe mu nzu ndangabirori mu gisagara ca Washington DC n'uwitwa John Wilkes Booth." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54673244 +politics Kenya: Icegera c'umukuru w'igihugu Ruto yasavye imbabazi prezida Kenyatta "Icegera c'umukuru wa Kenya William Ruto yasavye imbabazi umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta batabandanije gucana uwaka inyuma y'amatora yo mu 2018. Kuba Ruto na Kenyatta batacumvikana vyageze ahantu bija ku mugaragraro. Umukuru w'igihugu ntashigikiye Ruto mu kwitoza ngo amusubirire mu matora azoba mu kwezi kwa Myandagaro (8), ahubwo yahisemwo gushigikira uwutavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga. Ruto ivyo yabivuze mw'ikoraniro ry'igisabisho ngarukamwaka categuwe n'inama nshingamateka - prezida Kenyatta akaba yari yacitavye. Icegera c'umukuru w'igihugu yavugiye imbere y'abari aho, asaba abanya-Kenya ikigongwe ku ho reta itakoze neza - hanyuma yita Kenyatta ''umugenzi wiwe mwiza''. Yavuze ati: ''Ndazi kandi ko mu mabanga y'icegera c'umukuru w'igihugu nshobora kuba hari aho ntashitse ku vyo nari nitezweko n'umukuru wanje, nyakwubahwa umukuru w'igihugu - umugenzi wanje mwiza, ndagusavye imbabazi"". Yabandanije yifuriza ikiruhuko ciza umukuru w'igihugu. Prezida Kenyatta ararangiza uyu mwaka ikiringo ciwe ca kabiri ari naco ca nyuma. Muri Kenya umukuru w'igihugu ntafise ububasha bwo gukura icegera ciwe - ashobora kuvanwaho gusa n'inama nshingamateka canke izindi nzira z'amategeko. Raba video y'amajambo yashikirijwe na William Ruto. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga." https://www.bbc.com/gahuza/61594589 +politics Pakistan: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yarashwe arakomereka mu myiyerekano "Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Imran Khan, yakomerekejwe n'urusase ku kuguru igihe yaraswa ari mu myiyerekano mu gisagara co mu buseruko ca Wazirabad. Umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko cari igikorwa ""co kugerageza kwica"", ariko igipolisi ntikiremeza ko ari we yaronderwa. Abanywanyi b'umugambwe wiwe wa PTI bavuga ko abandi bantu bane bakomeretse. Khan w'imyaka 70 ni we yari ayoboye iyo myiyerekano ku mugwa mukuru Islamabad basaba ko hapa amatora ikiringo kitararangira inyuma yo gukurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kane. Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yabonetse ajanywe kwa muganga i Lahore. Umuvugizi w'umugambwe wiwe yavuze ko yababaye ku murundi. Uwundi mutegetsi w'umugambwe, umushikiranganji w'amagara y'abantu w'akarere, Yasmeen Rashid, yavuze ko Khan ataremvye cane. Igipolisi cerekanye video y'umugabo bahagaritse bavuga ko ari we yahatswe kwica uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere. Ntibiramenyekana uko iyo video yafashwe, ariko muri yo, uwo mugabo yariko arabazwa n'igipolisi igituma yarashe, aca yishura:""Yariko arajana abantu mu nzira itari yo. Nashaka kumwica. Nagerageje kumwica."" Amasanamu ya video y'aho vyabereye yerekana Khan n'abayoboke biwe baryama hejuru ya kontenere ijamwo y'ikamyo itwaye imizigo imbere y'uko humvikana urufasha rw'amasase rwumvikana. Haboneka Khan yunamye, mu gihe abandi bari bamuzungurutse bariko baragerageza kumupfuka. Iyindi video yerekana Khan akomeye afise ibande ku kuguru kw'i buryo, ajanywe mu modoka inyuma yo kuraswa. Umwe mu bayoboke b'umugambwe PTI na we nyene yabonetse afise ibande mu maso n'amaraso ku mpuzu, avuga ko abantu bakwiye gusengera Khan n'abandi bakomeretse. Umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru muri uwo mugambwe Raoof Hassan yegereye cane Khan yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati:""Kwari ukugerageza kumwica, kumugandagura."" Umushikiranganji wa mbere ahari ubu Shehbaz Sharif yateye ivyatsi ico gitero aca ategeka ko haba amatohoza ubwo nyene. Prezida Arif Alvi yavuze ko ivyabaye kwari ""ukugerageza kugandagura umuntu bunyamaswa."" Khan yari arongoye imyiyerekano - iyigira kabiri nk'iyo muri uyu mwaka - mu misi indwi, ahamagarira ko hoba amatora mashasha. Reta iguma ivuga ko izotunganya amatora mu mwaka uza nk'uko bitegekanijwe. Mu kwezi guheze, akanama kajejwe gutegura amatora karafashe ingingo yo kubuza Khan gukora amabanga ayari yo yose y'igihugu, ivyo uwo yahoze ari rurangiranwa mu rukino rwa Cricket avuga ko ari ingingo yinyegeje inyuma ya politike. Yagirijwe ko atagiye aramenyesha ido n'ido ry'utuganuke yagiye arahabwa n'abategetsi bo mu bindi bihugu n'amahera yavuye mw'igurishwa ryatwo. Utwo tuganuke turimwo amasaha yo mu bwoko bwa Rolex, impeta,... Pakistan ifise kahise kabi k'ubwicanyi bushingiye kuri politike. Ubwamenyekanye cane, n'iyicwa ry'umushikiranganji wa mbere Benazir Bhutto mu myiyerekano yo mu 2007." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cjr5gdr19z5o +politics DR Congo: Ibihumbi vy'abasirikare bacungera inzego bagize urugendo rwo gushigikira Tshisekedi Abasirikare ibihumbi n'ibihumbi ba Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo bihaye amabarabara ku mugwa mukuru Kinshasa mu rugendo rwo gushigikira umukuru w'ico gihugu Félix Tshisekedi inyuma y'imisi mike havuzwe ivyo gusenyura ubutegetsi. Bambaye inkofero zitukura kandi bafise inkoho, imirongo miremire y'abasirikare bo mu gisata kijejwe gucungera umutekano w'umukuru w'igihugu n'izindi nzego z'igihugu (Garde Républicaine/Republican Guard) bazungurutse mu mabarabara y'i Kinshasa. Ni urugendo ruteguwe inyuma y'indwi umuhanuzi mukuru wa Perezida Tshisekedi afashwe agapfungwa n'igendereza rya gisirikare, mu vyo reta ya Kinshasa yatangaje ko yari mu migambi yo guhungabanya umutekano w'igihugu. Amakuru yacanacanako i Kinshasa yavugaga ko ku wa gatandatu w'indwi iheze, François Beya ari kumwe n'abandi basirikare, bashatse guhirika ubutegetsi mu gihe Perezida Tshisekedi yari i Addis Ababa mu nama y'ubumwe bwa Africa (AU). Intumbero y'uru rugendo itangazwa n'ubutegetsi ni uko abo basirikare bari mu myimenyerezo yo kugorora umubiri. Ariko ni urugendo ubaye inyuma y'indwi habaye ibikorwa vyo gushaka guhungabanya umutekano w'igihugu. Igihe Perezida Félix Tshisekedi yari mu nama y'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika i Addis-Abeba yari yerekeye kwiga ikibazo c'itembagazwa ry'ubutegetsi rikorwa n'inzego za gisirikare mu bihugu vya Afrika, uyu muhanuzi wiwe mu vyo umutekano nawe niho yahagarikwa. Reta ivuga ko Francois Beya yariko ategura umugambi wo guhungabanga igihugu - abanyagihugu batari bake ba Congo bakavuga ko yariko ategura gusenyura ubutegetsi bwa Tshisekedi. Urugendo nk'uru, ibidahuse kuboneka mu gihugu aho ibihumbi vy'abasirikare biha amabarabara, ni uburyo bwo kwerekana ko bari maso kandi ko ata muntu n'umwe yorota agerageza gutegura umugambi mubi. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60360580 +politics Iran yarahiye ko izokwihora ku gitero ca Israel ku ruganda rwa 'nucleaire' rwa Natanz "Umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire yavuze ko igihugu ciwe ''kizokwihora'' ku gitero ku ruganda rwo mu kuzimu, igitero yagiriza Israel. Abategetsi ba Iran bavuze ko urwo ruganda rwo guhingura uranium rwagabweko igitero ''c'iterabwoba rishingiye kuri nucleaire'' ku wa mungu, inyuma yaho bavugiye ubwa mbere ko hari habaye ikibazo c'umuyagankuba. Imashine zigezweho zo guhingura uranium zaheruka kwatswa. Israel ntaco iravuga, ariko hari iradiyo y'igihugu yavuze ko amakuru ava mw'iperereza avuga ko ari igikorwa giciye kuri internet ca Mosad, urwego rujejwe iperereza muri Israel. Bavuga ko ico gitero cononye vyinshi kuruta uko vyari vyavuzwe ubwa mbere. Abategetsi ba Amerika babwiye ikinyamakuru The New York Times ko uguturika gukomeye cane kwasambuye ata gisigaye ubuhinga bwigenga bw'umuyagankuba bwarungika umuyagankuba muri izo mashini muri urwo ruganda rwi mu kuzimu. Bagereranya ko bishobora gutwara amezi icenda kugirango ibikorwa vyo guhingura uranium vyongere kurangurirwa aho hantu. Itororokanirizo ry'amakuru rya Iran Nour, ryegamiye Inama nkuru y'umutekano muri ico gihugu, hagati aho ryavuze ko inkuru zo mu bushikiranganji bujejwe iperereza zivuga ko 'umukuru' mu bagavye ico gitero yamenyekanye kandi ko 'ingingo zikenewe ziriko zirafatwa kugira uwo muntu afatwe'. Israel yari igize igihe igabisha ku mugambi wa wa nucleaire wa Iran mu gihe hariko higwa ingene hovyugwa amasezerano yo mu 2015 yerekeye nucleaire yahebwe n'uwahoze ari umukuru wa Amerika Donald Trump. Uwamusubiriye, Joe Biden, yavuze ko ashaka kuvyura ayo masezerano ahambaye. Ariko Iran n'ibibindi bihugu bitanu vya rutura bikiyarimwo - Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya n'Ubwongereza - bakeneye ingene bamuronkera inzira yo kuvanaho ibihano vy'abanyamerika hanyuma Iran nayo ikagaruke ku humvikanywe kutarengwa mu mugambi wayo wa nucleaire. Abategetsi ba Amerika na Iran bari mu biganiro atari ivy'imbonankubone i Vienne kugira barabe ko bakuraho ayo mayira abiri, ibikorwa abanyaburaya bafashamwo nk'abahuza. Ihsirahamwe rya Bukaya rivuga ko rigikeneye kumenya neza ivyashitse ku ruganda rwa Natanz, ariko ko ryiyamiriza ""ikintu cose coza gitoba canke gica inguvu utwigoro twerekeye amasezerano ya nucleaire"". Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin, ariko mu rugendo muri Israel, yavuze ko azi ibiriko biravugwa kuri Natanz kandi ko utwigoro tw'uubutetegetsi bwa Biden two kugarukana amasezerano na Iran tuzobandanya." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56720820 +politics Uganda: umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi wagiriraniye amasezerano na Museveni Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yagiriraniye amasezerano yo gufashanya n’umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi akaba mbere yari ahanganye nawe mu matora aheruka, Nobert Mao. Aya masezerano hagati y’umugambwe uri ku butegetsi National Resistance Movement hamwe n’umugambwe Democratic Party yateweko igikumu nijoro ku wa gatatu inyuma y’umubonano hagati y’aba bategetsi babiri mu biro vy’umukuru w’igihugu, State House, i Entebbe. Perezida Museveni arakeza abategetsi b’umugambwe Democratic Party kuri iki “kimenyetso ca poritike y’abantu bakuze, babona kure kandi bafise intumbero yo kwubaka”. Mao arongoye uyu mugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi kuva mu 2010. Yarerekanye ubuhinga bwiwe mu kuvuga ijambo kandi nk’umunyaporitike arwanya ubutegetsi buri mu minwe y’akarwi kamwe, ariko umugambwe wiwe umaze imyaka mu ndyane z’amacakubiri watumye utakaza ikibanza mu gihugu. Imbere y’amatora yo mu 2021, yaratakaje abatari bake mu bo bari bafatanije kurongora uyu mugambwe bahisemwo kwigira mu mugambwe mushasha ico gihe National Unity Platform ukirongowe gushika ubu na Robert Kyagulanyi Ssentamu azwi ku ritazirano nka Bobi Wine. Abashigikiye Mao babona ko iyi ngingo ari inzira nziza yo gukorana hagati y’iyi migambwe ibiri, ariko abamunegura bobo bazobona ko barenganuwe inyuma yo kumwagiriza ko akorana na Museveni. Abandi nabo banegura poritike ya Uganda bashobora kubona aya masezerano nk’ayandi mayeri y’umukuru w’igihugu yo guca intege abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe. Imbere y’aho, yari yashoboye guhendahenda abanyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe mu kubaha ibibanza muri reta. Abagisigaye ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi nabo babandanya baburabuzwa mu bikorwa vyabo. Perezida Museveni yasohoye videwo yerekana ingene yariko atera igikumu kuri ano masezerano n’umugambwe Democratic Party: https://www.bbc.com/gahuza/articles/czr391z21dwo +politics Ethiopia - Tigray: Icegeranyo kivuga ko hashobora kuba harakozwe ivyaha vyo mu ntambara "Impande zose ziri muri iyo ntamabara ya Tigray muri Ethiopia zararenze ku mategeko mpuzamakungu y'agateka ka zina muntu, mbere bimwe mu vyaha bikaba bishobora gufatwa nk'ibikorerwa ikiremwa muntu nk'uko biri mu cegeranyo gishasha. Ivyaha ndengerabutungane, iyica rubozo, gufata ku nguvu no kugira ibitero ku mpunzi no kubateshejwe izabo vyaragizweko amatohoza. Amatohoza yakozwe n'akanama kajejwe agateka ka zina muntu muri Ethiopia (EHRC) kari kumwe n'ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu yerekana ko hoba hariho ivyemeza ko habaye ivyaha vyo mu ntambara. Intambara yadutse itariki zine z'ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2020. Yatanguye igihe umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy ategekeye ko haba ibitero ku ngabo z'intara ya Tigray iri mu buraruko. Mu ntango, ingabo za reta zaromoye abagwanyi, ariko ibintu biza guhinduka mu kwezi kwa gatandatu igihe abagwanyi ba Tigray bagaruza igice kinini. Ubu bivugwa ko basugereje umugwa mukuru Addis Abebas. Ku wa kabiri, reta ya Ethiopia yatangaje ibihe nk'ivyo igihugu kiri mu ntambara inyuma y'amasaha make isavye ababa ku mugwa mukuru gufata ibigwanisho. Umukuru w'igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu Michelle Bachelet yavuze ko iyo ntambara yaranzwe n'amabi arenze urugero, agasaba ko haba ihagarikwa ry'intambara. Ico cegeranyo kivuga kiti: ""Hari ivyo gufatirako ata gukekeranya vyemeza ko impande zose ziri muri iyo ntambara... zagize ibitero ku basivile n'ivyabo, nk'amazu, amashure, ibitaro, ibibanza vyo gusengeramwo canke zakora ibitero bidatoranije vyahitanye abasivile, bisambura canke vyonona ibintu batunze."" Ubwicanyi ndengerabutungane buragaragara muvyo babonye. Ico cegeranyo kirerekana urudome ku rundi ingene urwaruka rwo muri Tigray rwo mu mugwi uzwi kw'izina rya Samri rwishe abasivile barenga 200 bo mu bwoko bw'aba Amhara i Mai Kadra mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze. Ubwicanyi bwo kwihora ico gihe bwarakozwe n'abo mu bwoko bw'aba Tigray muri ico gisagara nyene. Igisirikare ca Eritrea caragiye muri iyo ntambara kigwana ku ruhande rw'abasirikare ba reta ya Ethiopia. Abasirikare ba Eritrea barishe abasivile barenga ijana i Aksum hagati mu ntara ya Tigray mu mpera z'ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2020, nk'uko bivugwa n'ico cegeranyo. Kigira kiti:""Hashobora kuba harakozwe ivyaha vyo mu ntambara kuko hari ivyemezo ntahinyuzwa ko abantu batari bafise uruhara muri iyo ntambara bishwe n'izo mpande zose zihanganye."" Kiravuga kandi ku bantu basambanijwe ku nguvu harimwo n'imigwi y'abagizi ba nabi bakora ivyo vyaha ku mpande zose ku bagore , abagabo, abakobwa n'abahungu. Hamwe, umwigeme w'imyaka 19 yarapfunzwe yongera arasambanywa ku nguvu urutitsa amezi atatu yose. Haravugwa n'umugore agendana ubumuga yasambanijwe ku nguvu. Ico cegeranyo kivuga ko ugusambanya ku nguvu vyakoreshejwe ""mu kumaramaza no kwaka ubuntu ababikorewe"". Abagize ico cegeranyo batera akamo reta ya Ethiopia gukoresha ""amatohoza n'inzego zigenga kandi ata ho zegamiye kuri ivyo bivugwa vy'ubwicanyi hamwe no guhana ababigizemwo uruhara"". Umushikiranganji wa mbere Abiy yavuze ko yategetse igitero ca gisirikare mu kwezi kwa cumi na rmwe guheze mu kwishura ku bitero vyari vyagizwe ku nyubakwa z'abasirikare ba reta babayo. Ibintu vyagiye kwunyuka inyuma y'amezi yo guterana amajambo hagati ya reta ya Abiy n'abategetsi ba TPLF, umugambwe ukomeye wo muri Tigray. Mu nyuma abategetsi bavuze ko TPLF ari umugwi witwaza iterabwoba, baniyamiriza ibiganiro vy'amahoro ivyo ari vyo vyose vyoza bibahuza. Reta ya Addis Abebas yasubiye kugira ibindi bitero mu ndwi ziheze, harimwo gukoresha indege, ariko yarananiwe guhagarika abo bagwanyi baguma bigarurira utundi turere." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59148835 +politics Sri Lanka: Imyiyerekano yatumye Rajapaksa atanga imihoho Imyiyerekano yatanguriye aho umushikiranganji wa mbere avukana na Perezida aba. Aho yakwira igihugu, inguvu zigakoreshwa, we yahavuye atanga imihoho. Mu mashusho ya video, uko vyatanguye. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61407206 +politics Abakobwa batwaye inda muri Tanzania bemerewe gusubira mw'ishure "Abigeme bo muri Tanzania basubiye mu mashure n'abana babo inyuma y'aho habonekeye itegeko rishasha risubirira iryahahora ribuza abakobwa batwaye inda kubandanya kwiga. Esnath Gideon yabwiye BBC igisata c'igiswahili ko adafise uwumufatira umwana hanyuma abigisha baramwumvira ikigongwe baramureka arinjira mw'ishure n'umwana wiwe w'amezi ane. Uwo mukobwa w'imyaka 19 yari yarataye icizere co kurangiza amashure igihe yatwara inda ari mu mwaka wa kane w'amashure yisumbuye. Ubu aranezerewe ko reta yarekuriye abo bavyeyi bakiri bato gusubira mu mashure, ubu akaba ashaka kwiga n'umwete kugira abe umushingwamanza. Yavuze ati: ""N'umwana mw'ishure, siniga neza ariko kenshi ndashobora gukurikirana neza. Ikibazo n'iyi umwana yiyononye, nkakenera kumuhindurira kuko ata kibanza kihari mw'ishure co kumuhinduriramwo."" Gedeon abana na nakuru adandaza isambusa kw'isoko, akaba anezerezwa n'uko umwuzukuru wiwe yasubiye kw'ishure. Nakuru yari yashavujwe n'uko Gedeon yatwaye inda kuko yategerezwa guca aheba ishure. Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli yari yarabujije abakobwa bafise inda n'abavyaye kubandanya kwiga, ariko prezida ahari ubu Samia Suluhu yarahinduye iryo tegeko. Abakowa bafise imbanyi barenga 1500 barirukanywe mw'ishure mu karere ka Mbeya. Abashika 240 muri bo baragarutse kwiga, hakaba harashizweho umugambi wihariye w'ivyigwa kugira bashobore kubimara mu mwanya muto." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60205415 +politics UK na US vyagiriza Iran gukora igitero ku bwato bw'igitoro cahitanye babiri "Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bibona ko Irani ari yo yakoze igitero ku bwato butwara igitoro kigahitana abantu babiri, bibaka birahira bikarengwa ko bitegerezwa kwihora. Vyagiriza iki gihugu ko cahonyanze amategeko mpuzamakungu. Ubwato MV Mercer Street bwegukira Israel bwaratewe ku wa kane bugeze hafi y'umweha wa Oman. Abantu babiri, umwe ava mu Bwongereza uwundi akomoka muri Romania, nibo baguye muri iki gitero. Amatangazo y'ibi bihugu bibiri asohotse inyuma y'aho umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennett avugiye ko hari ""ivyemezo"" ko umwansi wayo rutura, Iran, ari yo yakoze iki gitero. Umushikiranganji Bennett agabisha ati ""turazi ingene turungika ubutumwa muri Irani mu buryo bwacu"", mu gihe Tehran yoyo yiyamiriza ivyo yise ""ibirego bitagira mvura"". Ico gitero kuri MV Mercer Street gisa n'icerekana ko ibintu biriko birarenge inkombe mu ntambara ""itaja ahabona"" hagati ya Israel na Irani. Haciye amezi haba ibitero bitari bike ku mato ya Israel na Irani, mu biboneka ko ari ""ijisho ku rindi iryinyo ku rindi"", n'aho bidakunze kugwamwo abantu. Irani kandi iragiriza Israel ko ibangamiye ibigo vyayo vyo guhingura ubutare bw'ubumara n'abahinga bayo. Mw'itangazo ry'ejo ku wa Mungu, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza Dominic Raab yavuze ko Londres yemeza ko Irani yakoresheje imwe muri za ndege zitagira abadereva, zizwi nka drones, mu gutera ubwato MV Mercer Street. Raab avuga ko ari ""ihonyanga ry'amategeko mpuzamakungu, ryeruye, ryateguwe kandi ryakozwe n'ibigirankana"". Yongerako ati: ""Iran itegerezwa guhagarika ibitero nk'ibi, kandi amato ategerezwa kugira uburenganzira bwo gukora ingendo ata nzitizi"". Umunyamabanga wa reta wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko Washington yizeye neza ko ""Irani ari yo yakoze ibi"", kandi ko ""inyishu nyayo"" itegerezwa gukurikira. Umushikiranganji wa mbere wa Israel avuga ko yiteze ko amakungu ategerezwa kwereka neza Irani ko yakoze icaha gikomeye. Mu nyishu yatanze, Iran nta na kimwe yemera ko yakoze. Umuvugizi w'ubushikiranganji bwayo bujejwe imigenderanire, Saeed Khatibzadeh, yabwiye abanyamakuru ko ""ubutegetsi bwa Siyoni (Israel) buteje umutekano muke, iterabwoba n'akaguma"". Avuga ko Israel ""itegerezwa guhagarika ibirego bitagira mvura"", anagabisha ati: ""Uwuzobiba umuyaga azosoroma igihuhusi"". Iki gitero kibaye mu gihe hari ibiganiro bicumbagira hagati ya Irani n'ibihugu vya rutura i Vienne/Vienna (umugwa mukuru wa Autriche/Austria) mu ntumbero yo kunagura ya masezerano yo mu 2015 yerekeye guhagarika umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara. Ibihugu vyo mu burengero bw'isi vyikeka ko Irani ishobora kuba iriko irahingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara ibanje guhonyanga amasezerano - ivyo Irani yiyamiriza yivuye inyuma." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58054510 +politics Intambara ya Ukraine na Africa: Ingaruka ku bitoro, abanyeshure n'umukate "Intambara muri Ukraine ishobora kugira ingaruka zikomeye ku bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika, igahungabanya ubutunzi bwavyo, ibindi ikabituma kwerekana aho bihagaze muri uko kudacana uwaka hagati y'Uburusiya n'ibihugu vya Buraya na Amerika. Ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo Daily Maverick canditse kiti intambnara y'i Buraya n'aho iri kuri ""ingaruka zayo zizokora kuri Afrika y'Epfo n'ahandi kw'isi"". Kibandanya kiti : ""N'igihe misire za mbere zitari bwaraswe, iyi ntambara yatwaye vyinshi: yatumye amafaranga aharurwa muri za miriyaridi z'ama dorari aja mu vyo gusubira kurondera ibigwanisho aho yofashije kurwanya ubukene, ibiza vy'indwara, amashure, kurwanya ubusumbane hamwe n'ihindagurika ry'ibihe muri uwu mwaka utoroshe"". Afrika y'Epfo - igihugu ca mbere giteye imbere muri Afrika - yasavye ko ingabo z'Uburusiya ziva muri Ukraine buno nyene, ivuga ko amatati atorerwa inyishu mu nzira y'amahoro. Inyifato ya Afrika y'Epfo ni incamugongo ku Burusiya bubona ico gihugu nk'incuti yaco ikomeye muri Afrika. Ivyo bihugu vyompi bifitaniye imigenderanire y'ubutunzi ikomeye cane, vyompi biri muri Brics - umugwi w'ibihugu biriko biraduga mu butunzi kw'isi. Afrika y'Epfo ifise imitahe mu Burusiya ishika ku mafaranga angana na miriyaridi 5 z'ama dorari, mu gihe Uburusiya nabwo imitahe yabwo muri Afrika y'Epfo ishika kuri miriyaridi 1.5 z'ama dorari. Kenya - igihugu ca mbere gitunze mu karere ka Afrika y'ubuseruko, kikaba no mu nama y'umutekano ya ONU mu mugwi w'bihugu bijayo mu buryo butamaho- nayo yarenze aho mu kwiyamiriza Uburusiya. Mw'ijambo rikarishe yashikirije, uwuhagarariye Kenya muri ONU, Martin Kikani, yavuze ati: ""Ubutavogerwa bw'igihugu ca Ukraine bwatewe. Amazezerano ya ONU aguma ahungabanywa no guhonyangwa na ntaryo n'ibihugu vy'inguvu"". Ghana na Gabon - ibindi bihugu bibiri navyo biri mu nama y'umutekano ya ONU, navyo nyene vyiyamirije Uburusiya. Nta gihugu ca Afrika kirashigikira igitero c'Uburusiya muri Ukraine, naho na Mali canke Centrafrique, aho ingabo z'Uburusiya ziriko zirafasha ama reta y'ivyo bihugu kugwanya imigwi y'intagondwa z'aba Islam. Ariko mu kimemenyetso c'uko intwaro z'umukazo zizoshigikira Uburusiya- umutegetsi wa gisirikare wa Sudan, Gen Mohamed Hamdan ""Hemeti"" Dagolo yashitse i Moscou ku munsi nyene intambara muri Ukraine itangura. Urugendo rwiwe rwari urwo gukomeza ugufashanya n'Uburusiya mu gihe abo bigaruriye ubutegetsi muri Sudan ubu bahariwe ivomo n'ibihugu vya Buraya kubera ugusubiza inyuma inzira yo kugana intwaro ya demokrasi inyuma y'itembagazwa rya Omar al-Bashir yari amaze imyaka myinshi ku butegetsi muri ico gihugu. Ibiciro vy'ibitoro vyaciye biduga birenza ama dorari 100 akagunguru, igiciro ca mbere kiri hejuru ubwa mbere kuva mu 2014. Ibihugu vyimbura ibitoro muri Afrika nka Angola na Nigeria bishobora kuhatorera akajisho mu kwinjiza amafaranga menshi, ariko ibiciro vyo gutwara abantu n'ibintu bishobira kuzoduga cane ku mugabane wose.Ivyo buzogira ingaruka ku biciro vy'ibindi vya nkenerwa hafi vyose. Ariko umukuru w'abandika ikinyamakuru Africa Confidential gishingiye mu Bwongereza, Patrick Smith, avuga ko intambara izozana amahirwe menshi ku bihugu vyimbura ibitoro na gaz. ""Ibihugu vya Buraya bitegerezwa kwihuta mu kurondera igisubirira gaz y'Uburusiya, kandi hamwe mu hashoka ko iva bitagoranye mi muri Afrika. ""Ni akaryo ku bihugu vyo muri Afrika ko gufatira aho, maze birondere amasoko mashasha, vyihuta"". Ikibazo gikomeye cane kuruta ibindi gishobora guhanga Afrika ni iduga rishoboka ry'ibiciro vy'umukate, mu gihe Uburusiya na Ukraine vyavamwo 30% y'ingano zigurishwa kw'isi. Smith avuga ati: ""Igiciro c'umukate caragize uruhara rukomeye mu bibazo vya poritike, kiba n'imbarutso y'iciswe Arab Spring/Printemps Arabe (imigumuko yo gusaba ko ibintu bihinduka mu Bihugu vy'Abarabu mu buraruko bwa Afrika). Kenya nayo ifise ihagaritswe umutima n'ingaruka z'iyo ntambara- hamwe n'ibihano vy'ubutunzi ku Burusiya -bishobora kugira ku cayi cayo gifise ikibanza gikomeye mu butunzi bwayo. Uburisiya buri mu bihugu bitanu vya mbere bigura cane icayi ca Kenya , bigatuma Kenya yinjiza amafaranga y'agaciro. ""Icayi ubundi gishirwa mu mugwi w'ivyo kurya gutyo ku bisanzwe nticategerezwa gukorwako n'ibihano ku rudandazwa"" nk'uko bivugwa na Edward Mudibo, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'abacuruza icayi muri Afrika y'ubuseruko ( East Africa Tea Traders Association, EATTA). Ariko, bamwe mu bagwizatunga bashobora kutarondera kwigerezako mu gihe Uburusiya bwovanwa mu buryo mpuzamakungu bwo kuriha. Kubera amashure yaho azimbutse, kuva no mu gihe c'aba Soviet, Ukraine camye ari igihugu abanya-Afrika benshi baja kwigamwo muri kaminuza, na cane cane mu gisata c'ubuganga. Hari n'abandi banya-Afrika baba kandi bakora muri Ukraine. Igihugu ca Ghana cahaye inama abanyeshure baco biga muri Ukraine kurondera aho bikinga mu mazu babamwo canke mu bibanza reta yagenye vyo kwikingamwo kuva Uburusiya buteye Ukraine. Abantu barenga 1.000 baturuka muri Ghana bari mu mashure muri Ukraine canke bakorayo, nk'uko ubwo bushikiranganji bubivuga, bukabandanya buvuga ko butewe impungenge nyinshi n'umutekano wabo. Ariko ishirahamwe ry'abanyeshure muri Ghana rishaka ko ico gihugu kigira intambwe irenze aho yo gutahukana abanyeshure b'abanya-Ghana kibakure mu bice birimwo intambara gushika umutekano uhagarutse. Itangazo ry'ishirahamwe ry'abanyeshure muri Ghana ryavuze mw'itangazo riti: ""Uko babikoze mu gutahukana abanyehure mu bihe bikomeye cane vya Covid n'ubu vyokora"". Umunya-Nigeria aba muri Ukraine, Olutobi Fatonade, yabwiye BBC ko benshi mu bantu azi bariko barategekanya ingene bova nuri ico gihugu kubera intambara n'Uburusiya. Yavuze ko nawe nyene afise mushikiwe asanzwe ari umwenegihugu wo mu Bwongereza, none ko ategekanya kujayo ""gushika ibintu bicureshe."" Fatonade yahejeje kaminuza mu 2017 mu gisata c'ubuganga. Ubu yatunganya umuziki ku murwa mukuru bwa Ukraine, Kyiv. Yabwiye ikiganiro ca BBC Focus on Africa ati: ""Abantu benshi mubo nzi bariko baragerageza gusubira muri Nigeria ariko hari n'abandi batagira iyo baja"". Fatonade avuga yamara ko abantu bizigiye ko ibintu bitazokwunyuka gusumba. Reta ya Nigeria yamenyesheje ko yiteguriye gutahana abenegihugu bayo bifuza kuva muri Ukraine hamwe ibibuga vy'indege vyotangura gukora muri ico gihugu." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60521398 +politics ACAT risaba ko Rukuki yokingirwa niyarekurwa Ishirahamwe ry'Abakristu rirwanya ikubagurwa mu Burundi, ACAT, risaba ko uwuharanira agateka ka muntu Germain Rukuki, yokingirwa niyarakurwa. Ku wambere sentare gasambura-manza ya Ntahangwa yafashe icemezo co kugabanya cane igihano c'igifungo cahawe Bwana Rukuki, igikura ku myaka 32 kija ku mwaka umwe. Germain Rukuki yatawe muri yombi mu mwaka w'2017, nk'uko itegeko ribivuga, iyo ngingo ya sentare ikaba isigura yuko yategerezwa guca arekurwa. Ishirahamwe ry'Abakristu rirwanya ikubagurwa mu Burundi, ACAT, ari naryo Germain Rukuki yakorera, ryasohoye itangazo risaba leta y'u Burundi kumucungerera umutekano niyava mw'ibohero. Prudent Nsengiyumva yavuganye n'umuyobozi wa ACAT, Armel Niyongere, atangura amubaza impamvu gushika ubu Bwana Rukuki atararekurwa. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57599459 +politics Burundi: OLUCOME isaba Perezida Evariste Ndayishimiye ‘gufatira akarorero kuri Tanzania’ "OLUCOME, ishirahamwe ritegamiye kuri reta rigamije kurwanya igiturire n'imungwa ry'ubukungu ryongeye kwandikira ikete Prezida Evariste Ndayishimiye rimusaba gutunganya ibibazo ribona, muri izo ngingo hakaba harimwo n'izerekeye ikiza karanda Covid. Iri shirahamwe rirashima ibikorwa bimwe bimwe Prezida Ndayishimiye amaze kurangura mu kuvugurura ibintu mu Burundi no mu migenderanire n'amakungu. Gusa umukuru w'iri shirahamwe yabwiye BBC ko ""ushize ku munzani biboneka ko amajambo ari menshi cane gusumba ibikorwa"", n'ubwo ngo bafise ivyizigiro kuri Prezida Ndayishimiye kuko wewe atari 'corrompue' (corrupt). Mu kwezi guheze, Perezida Ndayishimiye yumvikanye avuga ko yabonye ""ingene barwanya igiturire"", yagize ati: ""urabareka bakagihana mugabo ntihagire ico kimara"". Mw'ikete ry'iri shirahamwe rimusaba kwubahiriza amategeko ahari abwiriza abakozi bakuru bakuru ba reta kumenyekanisha itunga ryabo kuko ""ari ishingiro ry'umuco n'intwaro ibereye mu buzima bw'igihugu"". Si irya mbere OLUCOME ineguye ko aya mategeko atubahirizwa kuko hariho bamwe bamwe muri reta bafise itunga babonye mu nzira mbi batobasha gusigura inkomoko, eka umwaka uheze ryabona ko 'Ndayishimiye yasumbijwe inguvu n'abasuma'. OLUCOME yongeye gusaba Ndayishimiye gukurikirana cane igiturire no kubesha bigamije kwiba bivugwa mw'itangwa ry'amasoko ya reta. Imusaba kandi gufata ingingo zo guhagarika ubucuruzi bw'ubutare 'bw'amaraso', no gukurikirana kugirango ubwimburwa bwinjirize amahera reta kuko hinjira make kandi himburwa ubutare bwinshi. Iri shirahamwe risaba Prezida Ndayishimiye kwemera gukorana n'amashirahamwe yo kurwanya igiturire ategukira reta na mpuzamakungu mu bugenzuzi kw'ikoreshwa y'itunga ry'igihugu. Mu majwi yahererekanijwe ku mbuga hwaniro mu mpera z'ukwezi guheze, Prezida Evariste Ndayishimiye yumvikanye avuga ko yahagurukiye kurwanya igitutire mu Burundi. Agira ati: ""Nasanze hariho abahinga muri ubu Burundi! Iyumvire nk'abantu barementanya isoko, ati 'wewe mfournisa (fournisser) ibi, akabikuzanira [kandi] atabizanye, mukagira PV de reception mugasinya, ko vyaje kandi atavyo, mugafata facture mukayikora neza, mukaja kwa ministre wa finance ngo riha uyu muntu yarakoze ibi. Hariho abantu bazi gutekinika!"". Ndayishimiye avuga ko umunsi yafashe abo bakoze ivyo bibajije uko yabimenye, bibaza uwabimubwiye. Ati: ""Mushaka rero izo ngeso nimuzihebe! ""Nagira nsabe abenegihugu, nimumfashe gucunga mwe mufise amaso menshi."" Yongeraho ati: ""None Uburundi turira ngo burakenye kubera iki? Harya mwiyumvira rirya deni mwumva ngo reta ifise muraziko 80%, ari amahera yagiye mu mifuka y'abantu!? Muga ni ideni ry'Abarundi bose."" Reta y'Uburundi mu kwezi kw'indwi yemeye kwakira imfashanyo y'incanco za Covid-19 ariko ivuga ko itazohimiriza abanyagihugu kwicandagisha. OLUCOME yoyo ibibona ukundi. Iri shirahamwe rivuga ko ryamenye ko reta iheruka gusaba ideni rya miliyoni $78 yo kurwanya ikiza karanda ca Covid-19, risaba reta guhindura ingingo ku ncanco no ku ngamba zo kwirinda ico ciza. Mw'ikete yaryo, risaba reta gufatira akarorero kuya Tanzania igahimiriza abanyagihugu kwicandagisha no kubategeka kwambara 'mask' ahahurira abantu benshi n'izindi ngingo zo kwirinda. Ibaruwa yabo igira iti: ""Izo ngingo zikurikijwe, bizofasha kuvyura ubukungu no guha umwidegemvyo Abarundi ngo bakore ingendo mu bihugu vy'amahanga."" OLUCOME isaba kandi ko iryo deni reta yafashe ryocungwa mu muco, ""ikirinda ivyabaye ku mahera yo kurwanya SIDA, aho abakozi ba reta bashinga amashirahamwe yo kurya ayo mahera nabo abo agenewe [abarwayi ba SIDA] ntibabone inyungu n'imwe."" Iri shirahamwe risaba kandi; gushira ku nyabwonko (informatiser) ibikorwa vya reta mu rwego rwo kurwanya igiturire, gushiraho itegeko rivuga ba nyene kompanyi zifise amasoko ya reta mu kurwanya ububeshi bwo kuzandikako abatari benezo, eka no gushinga sentare nkuru. Gabriel Rupfiri arongoye OLUCOME yabwiye BBC ko kenshi bandikiye amakete Prezida Ndayishimiye ariko ubu ari ubwa mbere bamwandikiye urwandiko rw'impapuro 11 ruvuga ku ngingo nyinshi. Ati: ""Mu vyo twagiye turamwandikira, nko mu bijanye n'ubutare, twarabonye y'uko yashoboye gufata ingingo zitari nke, tukibaza neza ko kwishura atari ukuturungikira urwete, ahubwo cane cane ari ukubona ko ivyo twavuze vyashizwe mu ngiro."" Rufyiri avuga ko uru rwete ari ""imfunyapfunyo y'ibintu bitari bike tumaze kumurungirukingira"", bipfuza kandi bizigiye ko yokorako. Ati: ""Umukuru w'igihugu ahari uyu munsi ni umuntu atari 'corrompue' kuko iyo umuntu ameze atyo biragora cane ko yokwiyumvira ineza y'abandi akayishyira imbere. ""Mu majambo aguma ashikiriza, tubona ko ikibazo kijanye n'intwaro ibereye, kubaho neza kw'abantu, biri mu mwitwarariko wiwe, ico naco kiduha ikizigiro. ""Hasigaye intambwe igira kabiri yo kuva mu majambo cane umuntu akaja mu bikorwa, ubu umuntu ashize ku munzani biboneka ko amajambo ari menshi cane gusumba ibikorwa mugabo biboneka ko ari ku ntango nziza.""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58230982 +politics DR Congo-Kishishe: ‘Monusco ni baze berekane aho abo bantu bahambwe’-M23 Umuhari w’inyeshamba M23  urahakana ibiri mw’igendereza rya MONUSCO riwagiriza kwica abasivire barenga  130 mu karere ka Rutshuru mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo. Mw’itangazo, M23 ivuga ko iri gendereza rihengamye kubera ko ritakorewe ahabereye ubwicanyi. Ku wa kane , ubutumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro muri Congo buzwi nka Monusco bwasohoye icegeranyo c’intangamarara c’igendereza rivugwa ko ryakorewe hafi y’uduce twa Kishishe na Bambo muri Rutshuru, rikerekana ko abasivire bagera kw’131 bishwe muri utwo turere ikoresheje  amasasu n’ibirwanisho kama. Reta ya Congo yo yavuze ko hishwe abantu barenga 270. Monusco ivuga ko ivyo bigwati bibiri vyahohotewe n’abarwanyi ba  M23 mu gitero co kwihora mu gitero c’iyindi mirwi y’inyeshamba. Munyarugerero Canisius ni umuvugizi wa M23, yavuganye na Prudent Nsengiyumva, umviriza uko asigura igituma igendereza rya Monusco ataryemera. https://www.bbc.com/gahuza/articles/cqv49875xevo +politics Parezida Donald Trump wa Amerika yahagaritse ibiganiro vy’amahoro n’aba Talibani "Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald , avuga ko yahagaritse ibiganiro vy'amahoro n'aba Talibani vyarondera kurangiza intambara ya Afganidstani imaze imyaka 18. Bwana Trump yatangaje ko yari yiteguye kubonana n'umukuru w'igihugu ca Afganistani Ashraf Ghani n'abategetsi bakuru b'aba Talibani uno munsi ku wa Mungu. Ariko yahagaritse uwo mubonano wari utegekanijwe mw'ibanga aho asanzwe ari mu karuhuko i Camp David, inyuma y'aho abarwanyi b'aba Talibani bamenyeshereje ko aribo bakoze igitero cahitanye umusirikare wa Amerika. Ivyo biganiro vyari bitegekanijwe hasigaye iminsi mikeya ngo hibukwe igitero co ku wa 11 z'ukwezi kw'icenda mu 2001 muri Amerika, gikozwe n'abarwanyi ba Al-Qaeda kigahitana abarenga 3000. Amerika yateye Afganistani yomora ubutegetsi bw'aba Talibani mu 2001 kubera bwagirizwa ko bwari bwahaye indaro uyo murwi wa al-Qaeda, igihe wariko utegura igitero co ku wa 11 z'ukw'icenda. Umwe mu bakora mu biro vy'aba Talibani i Doha mu gihugu ca Qatar yabwiye BBC ko uyo murwi wariko utegura ""inama yihuta"" kugira ngo bihweze iyo ngingo ya Bwana Trump. Ibiro vy'umukuru w'igihugu Ashraf Ghani - ashobora kuba yarabonanye na Bwana Trump nk'uko bivugwa na Trump nyene - bivuga ko amahoro nyakuri ashoboka mu gihe aba Talibani bokwemera guhagarika intambara, bakaganira imbonankubone na leta ya Afganistani. Uwo mubonano amaso mu yandi n'aba Talibani wobaye ikintu gikomeye kibaye inyuma y'amezi atari make yari aheze abategetsi ba Amerika bari mu biganiro n'abategetsi b'aba Talibani i Doha, umugwa mukuru wa Qatar. Ivyo biganiro vyari vyashitse no ku masezerano y'intangamarara, yavuga ko Amerika yotegerejwe kuba yakuye abasirikare bayo muri Afuganistani bashika 5,400 mu mezi 20 ari imbere, aba Talibani nabo bakemera ko ico gihugu kitazosubira guha indaro imirwi y'iterabwoba. Gushika ubu, Amerika ifise abasirikare 14.000 bari muri Afuganistani. Muri kino gihe, aba Talibani biganzira igice kinini c'igihugu, bakaba bashimangira ko badashobora kuganira ya Afuganistani gushika bumvikanye na Amerika ku kirangamisi cerekana ingene abasoda bayo bazotahukanwa. Ivyo biganiro kandi vyari bifise intumbero y'ugucira inzira ibiganiro hagati y'abanya Afuganistani ubwabo mu ntumbero y'ugutorera inyishu ya politike ibibazo bihari. Hagati aho, hari abanya Afuganistani batari bake bafise ubwoba ko amasezerano ayo ari yo yose ashobora gutuma uburenganzira baronse bigoranye bugenda buyonga, mbere n'aba Talibani bagasubira gufata ubutegetsi. Abasirikare mpuzamakungu bashika 3500 baramaze gusiga ubuzima mu ntambara yo muri Afuganistani kuva mu mwaka wa 2001, abarenga 2300 bakaba ari abanyamerika." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-49625510 +politics US : Abanyamadini rukristu bashigikiye Trump bagize uruhara mu migumuko yo kuri Capitol "Abanyamadini rukristu bashigikiye Perezida Donald Trump bari mu bantu ibihumbi n'ibihumbi bari mu myiyerekano i Washington DC mu ndwi iheze. Hari bamwe babona ko ukwitabira iyo migumuko vyerekana ingene amashengero Rukristu muri Amerika yacanyemwo. Imbere y'uko baja kwugariza ku ngoro ya Capitol ku wa gatatu w'indwi iheze, babanje gupfukama barasenga. Ibihumbi n'ibihumbi barashitse ku cicaro c'ubutegetsi bwa Amerika mu myiyerekano yiswe ""Kiza Amerika"" (Save America) yari yateguwe kugira ngo biyamirize ivyavuye mu matora aheruka. Perezida Trump yarashikirije ijambo isinzi ryari imbere ya Maison Blanche/White House, abasaba kuja kwugariza ibiro vy'inama nshingamateka na nkenguzamateka, aho abatowe bari bakorane kugira ngo bemeze intsinzi ya Joe Biden. Isinzi ry'abari muri iyo myiyerekano bari bitwaje amasanamu avuga ivy'Imana. Amabendera yanditseko ngo ""Yezu/Yesu 2020"" (Jesus 2020) yarahungabana hampande y'amadarapo ya Trump hamwe n'aya Amerika. Iryo sinzi ryahavuye rija kwugariza ku nyubakwa y'amakoraniro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka, ivyatumye haduka akajagari kuri Capitol. Hari n'imiburiburi umurwi umwe wari witwaje umusaraba ukozwe mu giti. Akandi karwi kavuza inzamba - umugirwa wa kiyahudi wahavuye wifatirwa n'amwe mu mashengero rukristu nk'ikimenyetso c'urugamba. Ahandi naho, hari abari bafise amabendera ariko ifi, ikimenyetso ca kera c'idini rya gikristu. Ku bakristu bamwe, kubona ibi bimenyetso biri kumwe n'amabendera yerekana ya mareta yari yishize hamwe ngo arwanire ubucakara (États Confédérés) vyabaye ibintu biteye agahinda. Ariko ku bandi, Trump ni rwo rukiza - umuntu yariko arwanira ngo "" imico rukristu ntiyiganzirwe n'ab'isi"", nk'uko Franklin Graham, umuhungu w'uwahoze ari umuvugabutumwa akomeye, Billy Graham, yabibwiye BBC. Umusi umwe imbere y'iyi migumuko, umurwi w'abakristu bashigikiye Trump bakoze urugendo bise ""urugeno rw' i Yeriko"" i Washington. Bikoreye imisaraba baririmba n'indirimbo zihayagiza Imana, bakoze imyiyerekano mu micungararo ya Capitol basubiramwo inkuru yo muri Bibiliya ivuga igihe Abanyisirayeli bugarije umwansi wa Yeriko. Amashusho bari bitwaje ntabwo yerekana amacakubiri ashingiye ku rukoba na politike gusa muri Amerika, yarerekanye ahubwo ko igihugu gihanzwe n'amacakubiri ashingiye ku madini. Mu matora ya 2020, nk'uko vyagenze mu 2016, vyabonetse ko bine vya bitanu vy'abavugabutumwa b'abazungu - bari bashigikiye uyu mukuru w'igihugu wo mu mugambwe w'aba Repubulika. Ariko ibi ni iigihushane ku bakristu b'Abirabure - imbere y'amatora, hafi ibice 90% vyabo bipfuza gutora uwariko ahiganwa kw'izina ry'umugambwe w'abaharanira Demokarasi (Democrat), Joe biden. Kuva abanyamadini b'abazungu babaye umurwi ufise inguvu za politike muri Amerika mu mpera z'imyaka ya 1970, bamye bakora amasekeza yo kurwanya ugukorora inda, bakarondera gukomeza amategeko atanga ubwisanzure mu vyo amadini, kandi bagahimiriza ugufata mu mugongo igihugu ca Isirayeli. Muri ibi bisata vyose, ubutegetsi bwa Trump bwarakoze birashimwa: Trump yaragabanije amafaranga ku mashirahamwe ashigikiye abakorora inda, agena abacamanza barenga 200 ku rwego rw'amareta hamwe na batatu ku rwego rw'igihugu bashigikiye ukubungabunga imico ya kera (Conservateurs), yongera yimurira i Yeruzalemu ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika muri Isirayeli abivanye i Tel Aviv - iki kikaba cari icipfuzo co kuva kera cane mu banyamadini bamwe bamwe b'abazungu. Baremera ko Trump afise utunenge. Mu majambo y'umwe mubanywanyi biwe bakomeye arongoye urushengero rukomeye i Texas, Robert Jeffress, umukuru w'igihugu ""si umuntu w'umunyaruhimbi"". Ati: ""Ntasa n'umuntu yihebeye gusenga"". Ariko, uretse utubazo kanaka two mu myiyamamazo, hari abahinga bamwe bavuga ko ""Ukurwanira imico Rukristu"" biri mu vyatumye abanyamadini bashigikira imyiyamamazo ya Trump. Bavuga ko Ubukristu bwabaye kimwe mu biranga umunyamerika: Kuba umunyamerika ni ukuba umukristu. Abashigikiye iyi ngendo bavuga ko Amerika igeze aho igeze kubera igendera ku mico rukristu, bakagabisha, bakoresheje amajambo ya Trump, ko abakeba muri politike ""bariko bararwanya imico rukristu"". Umuhinga mu vyo imibereho y'abantu yitwa Andrew Whitehead, mu mwihwezo yakoze ku banywanyi ba Trump, yanditse ati: ""Gutora Trump ku banyamerika benshi, vyaboneste nk'uburyo bwo kurwanira iragi rukristu rya Amerika."" Abahinga nka Whitehead na Philip Gorski, umwigisha mu bijanye n'imibereho kuri kaminuza ya Yale, bavuga ko, mu kiringo cose amaze ku butegetsi, Trump yihetse inyuma y'ivyiyumviro bishingiye ku mico rukristu mu kwama avuga ko Amerika iriko iribagira iragi Rukristu ryayo. Yariyemeje ""kurwanira imico rukristu"" mbere ku banywanyi biwe batari bake, icivugo ciwe co ""Gusubira gukomeza Amerika"" ( Make America Great Again) gishobora kuba citiranwa na ""Gusubiza Amerika mu bukristu"" ( Make America Christian Again). Mu myiyerekano yabereye muri Ohio umwaka uheze, yaragabishije ko ubutegetsi bwa Biden bushobora gusigura buti ""nta dini, nta kintu na kimwe"". Ati: ""Kurwanya Bibliya, kurwanya Imana. Arwanya imana..."". Ariko, amadini Rukristu yarigabuye. Umwepiskopi arongoye urushengero Episcopal Church of the US, Nyen'icubahiro Michael Curry, yavuze ko imigumuko iheruka yari iyo ""kurondera gutembagaza ubutegetsi"" kandi ko vyari ibintu ""biteye ubwoca cane"". Umwepiskopi wa Washington ,Nyen'icubahiro Mariann Budde, avuga ko ibimenyetso vy'idini vyerekanywe ""ari isakirirego ryo ku rwego rwo hejuru, uburyo bwo gutukisha Ubukristu"". Mu ndwi iza, Biden azokwimikwa nk'umukuru w'igihugu w'umukatolika agize kabiri mu mateka ya Reta zunze Ubumwe za Amerika kandi abigendera. Mu buryo bwinshi, yaboneka ko ari we mukandida nyawe ku bakristu benshi gusumba Trump. Yama yitabira imisa n'imiburiburi rimwe mu ndwi, kandi n'amajambo yiwe arimwo amajambo ya Bibliya, kandi agakora uko ashoboye kwose asigura uruhara ukwemera gufise muri politike yiwe. Hagati aho, abakristu benshi, harimwo n'abakatolika bagenzi we, ntibashaka kumubona nk'umukristu ""nyawe"" kubera ashigikiye uburenganzira bwo gukorora inda hamwe n'ubwo bahuza ibitsina babisangiye. Mw'ijambo ry'itsinzi yiwe inyuma yamatora yo mu kw'icumi na rimwe, Joe Biden yasubiyemwo igitabo c'Umubwiriza muri Bibliya aho yavuze ko cari ""igihe co gukiza"" Amerika. None ubwo Biden arashobora kwemeza Abakristu bashigikiye Trump ko - mu majambo yiwe - ""azogarukana umutimamana wa Amerika""? Mu majambo yashikirijwe n'abarongoye amadini inyuma y'imigumuko iheruka mu ndwi iheze, nta cemezo kinini kihari cerekana ko bariko bava inyuma ya Trump." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55686846 +politics Intambara ya Ukraine: IAEA ivuga ko uraganda rw'inguvu za nucléaire rwa Zaporizhzhia atawurwitayeho "Umukuru w'ishami rya Onu rigenzura inguvu za nucléaire, avuga ko uruganda runini rw'inguvu za nucléaire rwigaruriwe n'Uburusiya inyuma y'ibitero bwagize muri Ukraine, "" ata n'umwe arwitayeho"". Rafael Grossi yasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru rya Associated Press avuga ko uruganda rwa Zaporizhzhia rukeneye kugenzurwa no gukorwa. Yavuze ati:""Ufise urutonde rw'ibintu bitategerezwa na rimwe gushika ku ruganda urwo ari rwo rwose rw'ubumara."" Urwo ruganda rwa mbere runini rw'inguvu za nucléaire i Buraya rwegereye biteye ubwoba ahabera imigwano. Mu ntango y'iyi ndwi, umunyamabanga wa reta wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yagirije Uburusiya gukoresha urwo ruganda, bwigaruriye mu kwezi kwa batatu, nk'ikirindiro ca gisirikare bukoresha mu kugira ibitero ku ngabo za Ukraine. Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abarusiya bashize ingabo n'ibikoresho vya gisirikare kuri urwo ruganda ruri ku ruzi Dnipro mu bumanuko bwa Ukraine. Ariko umutegetsi yashizweho n'Uburusiya muri ako karere yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko abasirikare ba Ukraine bakoresha ibigwanisho bahawe n'abanye Buraya mu kugira ibitero kuri urwo ruganda. Yevgeny Balitsky yavuze ko abategetsi biteguye kwereka urwego Grossi arongoye rugenzura inguvu za nucleaire kw'isi (IAEA), uko abarusiya bacungereye urwo ruganda mu gihe abanye Ukraine bagirizwa kurugirako ibitero. Igihe Uburusiya bwafata urwo ruganda, iterwa ry'ibimbombe kuri izo nyubakwa ryatumye haba ukunebagurwa kw'isi yose. Urwo ruganda ruracakora, abakoze b'abanye Ukraine bari ku kazi ariko bagenzurwa n'Uburusiya. Mu kiganiro n'abanyamakuru ku cicaro ca Onu i New York, Grossi yagize ati:""Ibintu vyifashe nabi cane. Ingingo iyo ari yo yose yerekeye gukingira uruganda rwa nucleaire yarahonyanzwe mu nzira iyi canke iriya, ntidushobora kwemera ko ivyo bibandanya."" Uwo muyobozi wa IAEA avuga ko ariko aragerageza kwegeranya abantu bogira urugendo vuba hashoboka kuri urwo ruganda ariko ko ivyo bikeneye uruhusha rw'impande zose, Ukraine n'Uburusiya, hamwe na Onu, ufatiye ku ngorane zo kugendera akarere kaberamwo intambara." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c6p7nypjzvro +politics Iran yanse ibisabwa na Biden ku bijanye n'amasezerano yo guhingura ubutare bw'ubumara "Irani ntishobora kwemera ibisabwa na reta nshasha ya Biden ku bijanye n'amasezerano yayo yo guhingura ubutare bw'ubumara, kandi Amerika itegerezwa kubanza gusubira mu masezerano yo mu 2015 imbere y'uko twiyumvira ibijanye n'ibiganiro, ibi ni ibivugwa n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani. Javad Zarif avuga ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika ifise ""ivyo yiyemeje yo nyene"" itegerezwa kubanza gushira mu ngiro. Umukuru w'igihugu wa Amerika aherutse gutorwa, Joe Biden, yaramenyesheje ko azosubira muri ayo masezerano kandi akureho ibihano Irani yahafitwe mu gihe iki gihugu ""cokwubahiriza aya masezerano"". Ikiboneka ni uko buri ruhande rushaka ko urundi rubanza kwubahiriza aya masezerano ubwa mbere na mbere. Mu kwa gatanu 2018, Perezida Donald Trump yarivumbuye muri ano masezerano yateweko igikumu n'uwo yasubiriye, Barack Obama. Ubwo nyene, yaciye asubizaho ibihano vyafatiwe Irani mu bisata vy'igitoro n'ikigega vy'iki gihugu. Kuva ico gihe, Tehran (umugwa mukuru wa Irani) yaciye itangura guhingura ubutare bw'ubumara ku rugero runini gusumba urwo yari yemerewe muri ayo masezerano, ivyatumye amakungu agira amakenga ko ifise guca yikika mu kiza igahingura ibombe y'ubumara. Hagati aho, reta ya Irani yoyo ibandanya ishimangira ko umugambi w'uguhingura ubu butare bw'ubumara ari umugambi w'amahoro. Aya masezerano yari yumvikanyweko mu ntumbero yo guhagarika uwu mugambi wa Irani, maze nayo igatezurirwa ibihano. Ku wa kane, umushikiranganji Zarif yavugiye mu nama yari irongowe n'Ubutariyano ko, igihe yivumbura muri aya masezerano, Amerika ""yahonyanze bikomeye cane "" icemezo cafahswe na ONU, avuga ko ubutegetsi bwa Trump ari ""ubutegetsi bubi"". Ati: ""Amerika itegerezwa guhagarika, Amerika itegerezwa guhagarika ihonyangway'amategeko mpuzamakungu. Ibi ntibisaba ibiganiro ivyo ari vyo vyose"". Zarif abandanya avuga ko Amerika ""itari ku rugero rwo kugira ivyo ibanza gusaba"". Joe Biden yiteze kurahirira kuba umukuru w'igihugu agira 46 wa Amerika ku wa 20 z'ukwa mbere, avuga ko azokwihutira gusubiza Amerika muri ayo masezerano, kandi akaraba ingene akuraho ibihano, ariko ko bizosaba ko Irani kubanza kwubahiriza ibiri muri ayo masezerano. Ku wa gatatu w'iyi ndwi, Inama nshingamateka ya Irani yaremeje integuro y'itegeko ryo guhagarika abagenduzi b'ishirahamwe ONU ku bigo vyayo bihingura ubutare bw'ubumara, maze hagatangura ibikorwa vyo kwongereza inguvu za uranium gushika ku rugero rwa 20% - urugero ruri hejuru cane ugereranije na 3.67% rwari rwumvikanyweko mu masezerano yo mu 2015 - mu gihe ibihano iki gihugu cafatiwe bitoba vyavanyweho mu kiringo c'amezi abiri. Uranium yongerejwe inguvu kurenga uru rugero rwa 20% ishobora gukoreshwa mu guhingura ibombe y'ubumara. Umukuru w'igihugu wa Irani Hassan Rouhani avuga ko yanse ishirwa mu ngiro ry'iri tegeko, mu gihe umutegetsi w'ikirenga, Ayatollah Ali Khamenei, ari na we mutegetsi mukuru muri ico gihugu atarashikiriza aho ahagaze kuri iyi nteguro y'iri tegeko. Iri tegeko ryemejwe haciye iminsi mike wa muhinga mu bijanye n'ubutare bw'ubumara, Mohsen Fakhrizadeh, agandaguwe, mu gitero kidasanzwe cabereye kw'ibarabara hanze y'umugwa mukuru Tehran ku wa gatanu w'indwi iheze. Irani ivuga ko Israyeli hamwe n'umurwi utavuga rumwe n'ubutegetsi uri mu buhungiro ari bo bakoze ico gitero bakoresheje ikirwanisho gikoreshwa na telecommande. Israyeli ntaco iravuga ku ruhara yagirizwa ko yagize muri ico gitero. Igihe Trump yivumbura muri aya masezerano, yavuga ko ashaka gutera igitsure Irani kugira ngo ije mu biganiro vyo gushiraho ayandi masezerano yohagarika burundu uwu mugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara, kandi igahagarika ibikorwa vyo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda. Irani yaragararije mbere mu kw'indwi 2019 ihonyanga ingingo yayitegeka kutarenza ibice 3.76 % vya uranium, ibikorwa vyo kwongereza inguvu za uranium bikaba vyarabandanije ku rugero rwa 4.5 kuva ico gihe. Ivuga ko kuva mu kwa mbere itazigera isubira kwubahiriza ingingo n'imwe iri muri aya masezerano. Mu kwezi guheze, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inguvu z'ubumara (IAEA) ryavuze ko Irani ifise urugero rwa uranium rusumba incuro 12 urutegekanijwe muri ayo masezerano." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55198119 +politics DR Congo: Leta yarungitse gushaka amahoro muri Ituri abahoze barongoye inyeshamba "Leta ya Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo yarungitse abahoze barongoye imirwi yahoze irwana muri ico gihugu kugerageza kwumvisha imirwi iri mu mtambara mu burere baturukamwo guhagarika intambara. Intumwa zigizwe n'abahoze bafise uruhara mu ntambara zo muri kahise, harimwo mbere babiri bigeze gucirwa urubanza na ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye,. Aba barashitse mu ntara ya Ituri mu buseruko bushira uburaruko bwa Congo mu ntumbero yo kugerageza guhagarika intambara ziriko ziriha inkumbi muri ako karere. Muri bo harimwo Germain Katanga yaciriwe urubanza n'iyo sentare mu 2014 yagirizwa ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu be n'ivyaha vyo mu ntambara igihe umurwi w'abarwanyi bo mu bwoko bw'aba Lendu yari arongoye watera ku mutumba umwe bakica abantu bagera ku 200. Uwundi ni Mathieu Ngudjolo, yaciriwe urubanza n'iyo sentare nyene yagirijwe ivyaha nk'ivyo muri ico gitero nyene ariko mu nyuma akaza kurekurwa. Muri iyo ntara ya Ituri, abantu bitwaje ibirwanisho baherutse kugandagura abantu 11 harimwo abasirikare n'abategetsi b'akarere mu mutego wagirijwe umurwi CODECO umaze igihe wagirizwa ubwicanyi butari buke. Adel Alingi Mokuba arongoye akarere ka Djugu, yasubiwemwo amajambo avuga ati: ""Abapfuye ni 11, harimwo icegera c'umukuru w'akarere ajejwe umutunzi n'ikigega, abapolisi batatu hamwe n'abasirikare bane"". Ituri ni imwe mu ntara zitari nke ziziziwe n'imirwi nkorabara y'inyeshamba mu buseruko bwa Congo, igihugu kingana n'uburerengo bw'umugabane wa Bulaya. Kuva mu kwa 12 kw'umwaka wa 2017, abantu barenga 1,000 bagizwe ahanini n'abasivire baramaze kwicwa mu ntara ya Ituri, muri bo 375 bakaba bishwe kuva mu kwa gatatu uno mwaka, nk'uko bitangazwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Iryo shirahamwe riramaze kugabisha ko ibitero biriko biraba ""bishobora gufatwa nk'ivyaha y'agahomerabunwa bikorerwa kiremwamuntu hamwe n'ivyaha vyo mu ntambara""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53321658 +politics ADF: Menya uyu murwi w'inyeshamba za Uganda ukorana na IS ukagirizwa ibitero vy'iterabwoba "Akarere k'Ubuseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo (RDC) kamaze igihe kirekire ari ikiririmbiro ry'imirwi y'inyeshamba zirwanya ubutegetsi bw'iki gihugu n'ubwo mu bihugu vy'u Rwanda, Uburundi na Uganda. Umwe muri iyi mirwi izwi cane mu bikorwa vy'ubugome ikorera mu buseruko bwa Congo ni uyu murwi uva muri Uganda, Allied Democratic Forces (ADF). Uyu murwi ugendera ku vyiyumviro vya Islam washinzwe mu myaka ya 1990, ukaba wari uzwi mu ndyane zo hagati muri Uganda. Ariko rero umaze gushika muri Congo, waciye utangura ibikorwa vy'iterabwoba, aho ibitero vyawo vyinshi ukora bivugwa ko bikorwa kw'izina ry'umuhari wiyitirira Reta ya ki Islam, canke Islamic State/Etat Islamique (IS). Ku wa kabiri w'iyi ndwi, abihevyi barakoze igitero ku mugwa mukuru wa Uganda, Kampala, cahitanye abantu batandatu kinakomeretsa abandi barenga 30. IS yasohoye itangazo ku rubuga rwa Telegram, ryasohowe kandi n'ikinyamakuru cayo Amaq, aho ivuga ko abarwanyi bayo ari bo bakoze ico gitero. Abategetsi ba Uganda bari bamaze gutangaza ko umurwi wa Allied Democratic Forces (ADF), umurwi watangaje ko winjiye muri IS mu 2019, ari wo wakoze iki gitero. ADF yatanguye gute? ADF yashingiwe mu buraruko bwa Uganda n'abahoze ari ntwazangabo z'igisirikare c'uwahoze arongoye Uganda Idi Amin, maze uca utanguza intambara yo kurwanya umukuru w'iki gihugu amaze igihe kirekire ku butegetsi, Yoweri Museveni, ivuga ko reta yiwe yakorera amabi atagira izina abanywanyi b'idini rya Islam. Uyu muhari umaze gutsindwa n'igisirikare ca Uganda mu 2001, waciye uhungira mu ntara ya Kivu y'Uburaruko muri Congo. Inyuma y'igihe kirekire yamaze ata bikorwa vyinshi ikora, ADF yasubiye kuvugwa cane mu 2014 aho watangura urukurikirane rw'ibitero ku banyagihugu basanzwe ba Congo. Mu 2015, niho Musa Seka Baluku yashikira uburongozi bw'uyu muhari inyuma y'aho uwo yasubiriye Jamil Mukulu afatiwe. Bakulu avugwa ko yatagangaje ko yishize hamwe na IS mu 2016. Ariko umuhari IS wagiye gutangaza icese ko ukorera muri ako karere mu kwa kane 2019, aho wemanze ko ari wo wakoze ibitero ku birindiro vy'igisirikare hafi y'urubibe rwa Uganda. Mw'itangazo wasohoye, watangaje icitwa IS Central Africa Province (Iscap), ni ukuvuga Intara ya IS yo muri Afrika yo hagati, ari nayo yagiye ivugwa gushika no muri Mozambike. N'aho hari ivyerekana ko IS na ADF zishize hamwe, IS ntirigera icisha mu kanwa ku mugaragaro uyu muhari muri poropagande yayo. Mukw'icenda 2020, Baluku yatangaje ko umuhari ADF utakibaho. Ati: ""Ubu twebwe turi intara, intara ya Afrika yo hagati, umwe mu ntara nyinshi zigize Etat Islamique/Islamic State"". Ibintu bimeze gute muri RD Congo? Nk'uko bivugwa n'ishirahamwe rijejwe impuzi kw'isi, UNHCR, kuva mu kwa mbere 2021, ADF iramaze kwica amajana n'amajana y'abanyagihugu b'inzirakarengane, abarenga 40.000 nabo mu karere ka Beni bateshwa izabo. Uyu murwi w'inyeshamba kandi ntugera umutwe ibirindiro vy'ingabo za reta n'iza ONU. Kuva IS imaze kwibonekeza muri RD Congo, ibitero vyagiye vyiyongera. Ibitero vya ISCAP bikunze kwibonekeza mu karere gakorerwamwo na ADF, Beni, ni mu ntara ya Kivu y'Uburaruko, ariko bikanashika no mu ntara ya Ituri ihana urubibe na Kivu y'Uburaruko. Ibitero vyinshi bikorwa ku makambi y'igisirikare, ariko vyinshi mu bitero vy'ubugome bikorwa ku banyagihugu b'abakirisu. Igitero kinini la ISCAP kivugwa ko ari icakozwe mu kw'icumi 2020 kw'ibohero ryo mu gisagara ca Beni, catumye abapfunzwe barenga 1000 batoroka. Indyane zirangwa mu buseruko bwa Congo rimwe na rimwe zikunze gutera imidugararo ishingiye ku madini, ariko kubona IS nayo ivyisutsemwo ibintu bishobora kwunyuka. Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo ni igihugu gifise abanywanyi benshi b'aba Katorika, kandi iri dini rifise ikibanza gihambaye muri ico gihugu. Aba Islam bababa ibice 10%. Abanywanyi b'idini rya Islam i Beni ntiberekwa uyu muhari ariko rero ibi bifise ingaruka zavyo. Mu kwa gatanu, abategetsi babiri ba Islam bari bazwi cane ko banegura ADF barishwe i Beni. ADF kandi izwi ko ikora ibitero ku banywanyi ba Katorika. Mu kw'icumi 2012, yarafashe mpiri abasenyeri batatu ba Katorika mu karere ka Mbau. Mu nyigisho zayo, IS irifatira mu gahanga Abakristu ikanakora kw'itama igisirikare ca Congo ko cananiwe no kubakingira ibitero vyayo. Inyigisho za IS ADF iboneka ko idafise ibinyamakuru vyayo icishako amakuru yayo. Ariko IS yoyo ifise imbuga zayo ku buhinga bwa none. Vyinshi muri propagande za ISCAP bishingiye ku nyandiko zayo aho yemanga ko yakoze ibitero mbere ikanerekana n'amasanamu yavyo. Mu kwa gatatu, mu nzira yo kwerekana ko ifise inguvu, ISCAP yasohoye amasanamu yavugwa ko ari ayo abarwanyi bayo bazunguruka mu kigwati kimwe mu ntara ya Ituri inyuma y'igitero bakoze ku ngabo z'igihugu. Ariko gusa, amashusho nk'aha ntakunze kuboneka, ibi bikerekana ko IS koko itarashinga imizi muri RD Congo. Umutekano muke uterwa n'imirwi y'inyeshamba muri Congo utumwa ahanini n'uko ubutegetsi bujegajega kandi ingingo zifatwa n'igisirikare zikaba ata cizere zifitiwe. Uku niko IS igenda ikwirakwira nk'uko vyagenze muri Irq na Syria mu mwaka wa 2014, hamwe no muri iki gihe nyene muri Afrika y'Uburengero, aho yakwirakwiye mu karere kose ka Sahel ihereye mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria. ISCAP nayo irashobora kwiheka inyuma y'indyane igakwirakwira mu bihugu bibanyi." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59357678 +politics Tshisekedi - Kabila: Ibintu bitandatu vyofasha gutahura ikibazo ca politike ya DR Congo "Imbere y'uko inama nshingamateka ya Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo yemeza ko umukuru wayo abogozwa, hari haciye imisi hari icuka kibi hagati y'abanywanyi ba Perezida Félix Tshisekedi hamwe n'abo ku ruhande rw'uwo yasubiriye, Joseph Kabila. Kimwe mu vyerekana ko ibintu vyari vyabaye ndanse, ni igihe ku musi wa kabiri w'iyi ndwi haduka imishamirano ikomeye mu nama nshingamateka y'ico gihugu hagati y'abashingamateka bo mu mugambwe wa Kabila hamwe n'abo mu mugambwe wa PerezidaTshisekedi. Vyabaye ngombwa ko igiporisi kija kubanguranya abanywanyi ba Perezida Tshisekedi hamwe n'aba Kabila. Abantu batatu barakomeretse mu gihe abari bashamiranye baterana ivyuma, bakonona ivyo bonona mu biro vy'inama nshingamateka. Abajejwe umutekano bakoresheje vya vyuka bikoroza amosozi kugira ngo birukane abari bugarije inyubakwa y'inama nshingamateka ku mugwa mukuru Kinshasa. Iyo migumuko yadutse inyuma y'aho Perezida Félix Tshisekedi, mw'ijambo yashikirije ku wa Mungu, atangarije ko amasezerano hagati y'izi mpande zibiri zigize ubutegetsi, ni ukuvuga ihuriro CACH (Cap pour le Changement, rihuriyemwo na Félix Tshisekedi na Vital Kamerhe) hamwe na FCC (Front commun pour le Congo) y'uwahoze arongoye DR Congo, Joseph Kabila, ahagaze. Muri iryo jambo ryaciye ku mboneshakure y'igihugu, Perezida Tshisekedi yamenyesheje ko yari agiye gushiraho uwundi muyobozi yoshinga urundi runani rwotuma agira abamushigikiye benshi mu nama nshingamateka isanzwe yiganjemwo abari ku ruhande rwa Kabila. Yavuze ko yari yiteguriye gufuta inama nshingamateka bibaye ngombwa. Inama nshingamateka, iguye mu mporero y'ukutumvikana hagati y'abanywanyi ba Perezida Tshisekedi ku ruhande rumwe, hamwe n'abandi ba Kabila ku rundi ruhande. Aba mbere bashaka ko umukuru w'inama nshingamateka Jeanine Mabunda n'abo bafatanije kuyirongora, babogozwa, ivyaraye bibaye, ibi navyo bikaba biha inzira abari ku ruhande rwa Perezida Tshisekedi kwiganzira iyi nama nshingamateka. None iyi mishamirano isigura iki? Ehe ibintu bitandatu vyogufasha gutahura iki cuka kibi kiri muri iki gihugu. Ubucuti hagati CACH (Cap pour le Changement, hagati ya Félix Tshisekedi na Vital Kamerhe) hamwe na FCC (Front Commun pour le Congo) y'uwahoze arongoye DR Congo, Joseph Kabila, burarangiye. Inyuma y'amezi atari make y'icuka kibi hagati ya FCC-CACH, umukuru w'igihugu wa Congo yafashe ingingo yo gukuramwo akarenge. Ku wa 16 z'ukwezi kw'indwi uyu mwaka, igihe yari mu rugendo muri Congo Brazzaville, Perezida Félix Tshisekedi yari yamenyesheje ko yari agifise icizere ko uru runani ruri ku butegetsi rwari kubandanya neza n'aho hari ukutumvikana ku bijanye n'ingene igihugu kirongowe. Perezida Félix Tshisekedi yagize ati: ""Nobaremesha ko ivyo ari vyo vyose tutagiye gusambura urunani rwacu. Iki coco ni uku nyene"". Hagati aho, uru runani rwari rwavutse mu buryo butari bwitezwe, rwagiye guhura n'ibibazo, aho izi mpande zibiri zaterana amajambo n'ibitutsi, mbere rimwe na rimwe hakaba ukurwana hagati y'abanywanyi n'abanyapolitike b'izi mpande zibiri zari zirugize. Ku wa Mungu uheze, Perezida Tshisekedi yatangaje ko umugambi wiwe wo kuzana impinduka mu gihugu wahuye n'inzitizi, kandi ko yashaka gushinga reta nshasha y'ubumwe canke n'aho agahamagaza ayandi matora. Joseph Kabila yamusubiriye, akaba afise inguvu ariko avuga make, hamwe n'abanywanyi biwe babandanya biganje mu nama nshingamateka no muri reta. Ku wa mbere w'iyi ndwi, Perezida Félix Tshisekedi yarakiriye mu biro iwe umushikiranganji wa mbere Sylvestre Ilunga Ilunkamba. Uwu mubonano wabo wa mbere kuva mu kw'icumi wamaze ikiringo c'isaha yose. Hagati aho, urangiye aba bategetsi babiri baranse kugira ico batangaje. Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Congo, Leila Zerrougui, yaragabishije ko izi ndyane za politike zishobora kugira inkurikizi mbi cane ku buzima bw'igihugu. Nk'uko bivugwa n'umwigisha wo kw'ishure kaminuza Cardinal Malula akongera akaba n'umuhinga mu vya politike, Octave Nasena, aya mezi ya nyuma yaranzwe n'indyane zidahera hagati ya reta n'inama nshingamateka. Asigura ati: ""Umukuru w'igihugu yarashikirije ivyo amaze kurangura kuva ashikirijwe ubutegetsi, we nyene akaba yarabonye ko yananiwe. Yavuze ko ivyo vyose ari ukubera ko urunani ruri ku butegetsi rutigeze rumufata mu mugongo kandi ko yahuye n'inzitizi nyinshi canke ko bamuteze imitego kugira ngo bamunanize mu bikorwa vyiwe"". Yibutsa ati: ""Ica nyuma giherutse ni uko inama nshingamateka yoba yaramubujije gutegura neza ibirori vyo kurahiza abagize Sentare ijejwe ibwirizwashingiro, cane cane umukuru w'inama nshingamateka, umukuru w'inama nkenguzamateka hame n'umushikiranganji wa mbere batitabiriye ivyo birori mbere bakamugarariza"". Iki kintu caratumye ibintu biyangara hagati ya CACH na FCC. Igenwa ry'abacamanza batatu muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ryarateye impari zikomeye muri urwo runani ruri ku butegetsi. Félix Tshisekedi yari abashigikiye, ariko uruhande rwa Kabila ruragangura kugira ngo rubandanye rwiganziye iyo Sentare, urwego rukomeye cane mu nteguro y'amatora yimirije mu 2023. Umukuru w'igihugu yarirengagije umushikiranganji wa mbere, maze agena abo bacamanza batatu. FCC yaramaze kugabisha ko itemera abagize iyi sentare kandi ko itunganywa ryayo riteye kubiri n'ibwirizwashingiro, ko rero batazigera bemera ingingo izofata. Iyi ngendo ibonwa nk'uburyo bwo kwerekana ko umukuru w'igihugu yashavuye, yamutumye aca atangura ibiganiro n'abandi banyapolitike, imwe mu ngingo nyamukuru zashitsweko kukaba ari ugusenyura uru runani CACH/FCC. FCC,, ihuriro rya Joseph Kabila yahoze arongoye igihugu, ivuga ko yakiriye iyo ngingo ya Perezida Félix Tshisekedi  yo gusenyura uru runani, ariko ikiyamiriza ivyavuye mu biganiro vyose vyo kuva ku wa 2 gushika ku wa 25 z'ukwa cumi na rimwe guheze. Néhémie Mwilanya, umuyobozi nshingwabikorwa muri FCC avuga ati: ""FCC ntirabwa n'ibiherutse gutangazwa n'umukuru w'igihugu kuko biteye kubiri n'ibwirizwa shingiro, kandi iravyiyamirije. Ishigikiye umushikiranganji wa mbere na reta yiwe, hamwe n'abagize ibiro vy'inama nshingamateka"". Ku bw'iwe, ""CACH izotegerezwa kwemera inkurikizi zose zizova kuri iyo ngingo yo gusenyura urunani, ikava muri reta y'igihugu n'amareta y'uburere isanzwe ifisemwo ibibanza, kandi ibi vyoca bituma umubano mwiza ugaruka"". Hagati aho, abayaze na BBC mu mabarabara ya Kinshasa bakirije yompi iyi ngingo ya Perezida Tshisekedi yo kuvana burundu n'uyu yahoze acuditse nawe. Umwe ati: ""Jewe ijambo rya Perezida ryaranezereje cane kuko ingingo zafashwe kw'ishaka ry'abanyagihugu"". Uwundi ati: ""Turanezerejwe cane n'ingingo y'umukuru w'igihugu, kuko ni zo twari turindiriye kuva kera. Turi inyuma yiwe kandi turindiranye igishika impinduka ategura haba muvyo imibano canke mu butungane"". Nk'uko Octave Nasena abivuga, Félix Tshisekedi afise inzira nyinshi zo kurondera abamushigikira. Ati: ""Arashobora kwisunga amahuriro atatu canke ane ya politike mu nama nshingamateka amushigikiye, aya ni nka AFDCA (Alliance Des Forces Démocratiques du Congo) rirongowe na Modeste Bahati Lukwebo, ikaba igizwe n'abiyonkoye kuri Kabila, canke na ho akisunga abari inyuma y'imirwi ikomeye cane ya Lamuka nka Moïse Katumbi canke Jean-Pierre Bemba, ibi bigashobora kumutuma aronka abamushigikiye benshi"". Hagati aho, uwundi muhinga mu vya politike Christian Moleka, na we avuga ko Perezida Tshisekedi atavavanuye burundu n'abo bahora bacuditse. Abona ko mw'ijambo ryiwe yashikirije ku wa Mungu yerekanye ko imiryango y'ibiganiro yuguruye kugira ngo bumvikane. Octave Nasena avuga ati: ""Fatshi (ashaka kuvuga Félix Tshisekedi) ariko akoresha uburyo bwose bwomushobokera kugira ngo yigarurire ubutegetsi bw'iki gihugu ca Congo kuko yari abusangiye na Kabila. Mu gihe uyu na we ariko aranyagwa abantu biwe muri FCC, Tshisekedi ariko aregeranya inguvu zose muri politike kugira ngo atsimbataze ubutegetsi bwiwe imbere y'uko ikiringo ciwe kirangira"". Uku kurondera ""kwigarurira ubutegetsi"" kuje guhungabanya umubano wa politike. Christian Moleka wewe avuga ati: ""Umukuru w'igihugu nta ngingo yafashe yo kubogoza umushikiranganji wa mbere, ariko amusaba ko yotanga imihoho we nyene"". Ati: ""Mu gihe umugambwe uri ku butegetsi wobandanya inzira yawo maze ikavamwo igira iti 'ubu rero ni twe turi benshi muri ino nama nshingamateka ...' dushobora gusanga twinjiye mu ndyane nshasha za politike zishobora gusa n'izo muri 1960, aho Perezida Kasavubu yabogoje umushikiranganji wa mbere ariko inama nshingamateka ikamusubizaho"". Christian Moleka agumana amakenga. Ati: ""Jewe ngumana amakenga kuri kazoza kacu, ingingo yafashe ntizitanga icizere c'ugutsimbataza demokarasi, kandi ntizihumuriza ko zishobora kugarukana icuka ciza mu banyaporitike"". ""Hazohera nk'amezi nk'abiri bagikwegana amashati"". Octave Nasena abona ko uru rugamba rwo gushinga izindi nani rushobora gutuma ""Fayulu atakaza inguvu"" mu gihe ari we yaboneka ko ahanganye na reta yashinzwe na Tshisekedi"". Martin Fayulu, yari yitoje kw'izina ry'urunani Lamuka mu matora y'umukuru w'igihugu ya 2018, afata ko ari we mukuru w'igihugu wa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo yatowe, kandi ntiyemera ivyatangajwe ko vyavuye mu matora. Uyu yahoze arongoye Congo abandanya afise ijambo rikomeye mu gihugu, n'aho avuga gake cane mbere akaba adakunze n'ugutanga ibiganiro ku bamenyeshamakuru. Ariko, ikizwi ni uko 42 kuri 65 bagize reta, ni ukuvuga 2/3 y'inama nshikiranganji, bava mw'ihuriro FCC, ari naryo ryiganziye inama nshingamateka na nkenguzamateka. Ku wa 22 z'ukw'icenda, Félix Tshisekedi yarabonanye n'uyu yasubiriye Joseph Kabila, ariko uwu mubonano ntiwashoboye kugarukana icuka ciza mu runani rwabo. Ku bwa Christian Moleka, ""Joseph Kabila yatakaje sentare ijejwe ibwirizwashingiro. Kuva ubu, arashobora gutanga umukandida ashaka, nk'akarorero agatanga umugore wiwe, ariko ntagishoboye kwitoza wenyene ubwiwe""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55270471 +politics Kamala Harris muri Korea y’Epfo inyuma y’umusi umwe Korea ya Ruguru irashe ibisasu vya misire "Na Jean Mackenzie muri Seoul na Frances Mao muri Singapore BBC News Icegera c’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kamala Harris yashitse muri Korea y’Epfo inyuma y’umusi umwe Korea ya Ruguru igerageje ibisasu vya misire biraswa ku ntera ngufi ku nkengera yayo y’ubuseruko. Iraswa ry’ibi bisasu - risanzwe riteye kubiri n’ibihano vya ONU - ribaye mu gihe Amerika na Korea y’Epfo biri mu myimenyerezo rusangi ya gisirikare mu mazi y’inyanja izungurutse ikigwa ca Korea. Abategetsi ba Korea y’Epfo n’ab’Ubuyapani bariyamiriza aka “gasomborotso”. Bubaye ubwa kabiri mu ndwi imwe gusa Korea ya Ruguru igerageza ibisasu vya misire muri uno mwaka umaze kuberamwo ibikorwa vy’igerageza ry’ibirwanisho gusumba iyindi myaka yose. Ribaye kandi mu gihe kidasanzwe – mu rugendo rwiwe muri Korea y’Epfo, umupfasoni Harris azoshika ku rubibe hamwe no muri ka karere katemerewemwo ibikorwa vya gisirikare (Demilitarised Zone, DMZ) ariko gacungerewe cane kagabuza izi Korea zompi. Ejo ku wa gatatu, yashikirije ijambo ingabo za Amerika ku kirindiro cazo co mu Buyapani, aho yiyamirije ibikorwa biheruka vya Pyongyang vyo kugerageza ibirwanisho, hamwe “n’umugambi utemewe n’amategeko wo guhingura ibirwanisho uteye akaga ku mutekano w’akarere”. Mu gihe ibiganiro hagati ya Korea ya Ruguru na korea y’Epfo vyerekeye guhagarika umugambi wo guhingura ibirwanisho vy’ubumara vyahagaze, mu gihe kandi izi mpande zompi zibandanya zikomeza ibisata vyazo vyo kwivuna abansi, ibi bikorwa vy’igerageza ni bimwe mu bituma ibintu vyunyuka cane. Ibikorwa vyo muri ino ndwi vy’igerageza ry’ibirwanisho – ica mbere kikaba cabaye ku wa Mungu imbere y’uko iyi myimenyerezo ya gisirikare y’ibisata birwanira mu mazi itangura – ni ivya mbere kuva mu ntango z’ukwa gatandatu, ariko Korea ya Ruguru imaze kugerageza ibirwanisho birenga 30 gushika ubu muri uno mwaka, kurusha mu yindi myaka yose. Abategetsi ba Korea y’Epfo bavuga ko igerageza ry’izi misire ejo ku wa gatatu ryabahe hagati y’isaha 18:10 na 18:20 mu masaha yo muri ako karere, bikaba vyarashwe ku ntera y’ibirometero 360, bikaba kandi vyagurutse gushika ku birometero 30 uja hejuru. Abajejwe gucungera imbibe b’Ubuyapani nabo nyene barabonye ibi bisasu. Abakuru ba gisirikare ba Korea y’Epfo basohoye itangazo bavuga bati: ""Aka gasomborotso ka Korea ya Ruguru kazotuma ibikorwa vya Korea y’Epfo na Amerika vyo kuzibira no kwivuna bikomezwa, kandi nta kindi bizovamwo atari kubandanya bikumira Korea ya Ruguru ku rubuga mpuzamakungu”. Abahinga babona ko ibi bikorwa vy’igerageza ari ukwihora ku myimenyerezo rusangi ya gisirikare y’ibisata vya gisirikare birwanira mu mazi mu gihe Washington na Seoul biriko bikomeza igisata co kwivuna abansi ca Korea y’Epfo – iyi myimenyerezo rusangi ni iya mbere ibaye harimwo ubwato bwa Amerika  butwara indege kuva mu 2017. Mw’ijambo yashikirije inama ya bose mu ntango z’ino ndwi, uwuserukira Pyongyang mw’ishirahamwe ONU, Song Kim, yaraneguye Amerika na Korea y’Epfo kuri ino myimenyerezo yabo, avuga ko yariko ituma iki kigwa “cegereza intambara”. Yavuze ko “poritike y’urwanko” ya Amerika kuri Korea ya Ruguru ari yo mvo isi ubu “iriko itera ija mu bihe bibi cane”. Korea y’Epfo na Amerika vyamye vyishigikira mu myimenyerezo yavyo rusangi, bikavuga ko ifise intumbero yo kuzana ituze mu karere. Amakuru avuga ko iki gihugu ca gikomunista gisanzwe gikorera mw’ibanga coba gitunze ibirwanisho vy’ubumara, abandanya yiyongera – ibi bikaba biteye umutima uhagaze Amerika na Korea y’Epfo. Mu ntango z’uku kwezi, Korea ya Ruguru yemeje itegeko ryemeza ko ari igihugu gitunze ibirwanisho vy’ubumara. Indongozi yayo Kim Jong-un  yariyemeje ko igihugu ciwe kitazokwigera giheba umugambi waco wo guhingura ibirwanisho canke ngo citabe ibiganiro bifise intumbero yo kukibuza gutunga ibirwanisho vy’ubumara. Iri tegeko kandi ryemerera Korea ya Ruguru kurasa ubwa mbere, mu bihe bitari bike bishobora gushika. Gushika mu misi iheze, camye kivuga ko ibirwanisho vyaco ari ivyo kwikingira, mu ntumbero yo gukinga intambara. Haraciye amezi ibisata vy’igendereza vya Amerika na Korea y’Epfo bivuga ko Korea ya Ruguru yiteguye kugerageza ikirwanisho c’ubumara ariko ko irindiriye akanya keza ka poritike. Iri ryoba ari igerageza rigize indwi ry’ikirwanisho c’ubumara, rikazoba kandi ribaye irya mbere mu myaka itanu. Ejo ku wa gatatu, igisata ca Korea y’Epfo kijejwe igendereza cabwiye abanyaporitike ko iri gerageza ry’ikirwanisho c’ubumara rishobora kuba hagati y’ukwezi kw’icumi n’ukw’icumi na rimwe, mu kiringo kiri hagati y’ikoraniro ry’umugambwe Chinese Party Congress be n’amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka muri Amerika. Perezida Yoon Suk-yeol wa Korea y’Epfo, kuva ashitse ku butegetsi mu kwa gatanu, yibanze gukomeza ugukorera hamwe hagati ya korea y’Epfo na Amerika mu ntumbero yo kwirinda akaga gaterwa na Korea ya Ruguru." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c4n0v7z298yo +politics “Mwalimu wanje ni Perezida w’igihugu” "Muri Centrafrique, mu banyeshule ba Perezida Faustin-Archange Touadéra bashinga intahe uko abigisha. Nawe ati, ""iyo ndiko ndigisha, turanaganira n'abanyeshule, bikanyuzuza""." https://www.bbc.com/gahuza/61428950 +politics Igihugu ca Amerika kiremeza ko misile y'igisirikare ca Irani yakoroye drone yaco "Umurwi karuhariwe w'igisirikare ca Irani, Iran's Islamic Revolution Guards Corps (IRGC), umenyesha ko wakoroye indege ya drone ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yinjiye mu kirere c'ico gihugu. Ivyo vyareyeye mu karere ka Kuhmobarak mu ntara ya Hormozgan iri mu bumanuko bw'ico gihugu. Ibimenyeshamakuru vya leta bimenyesha ko umukuru w'uwo murwi, Jenerali-Majoro Hossein Salami, avuga ko ivyabaye ari ""ubutumwa butomoye kuri Amerika"". Ivyo bishitse iminsi mike inyuma y'aho ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) bumenyeshereje ko bugiye kurungika abandi basirikare 1000 muri ako karere inyuma y'imishamiraho hagati y'ivyo bihugu. Ikinyamakuru cegukira leta ya Irani kimenyesha ko igisirikare c'ico gihugu carashe iyo drone mu gatondo ko kuri uyu wa kane mu gihe yari yavogereye ikirere caco. Ejo ku munsi wa gatatu, umunyamabanga w'Inama nkuru ya Irani ijejwe umutekano yari yamenyesheje ko ico gihugu kidashobora kwihanganira ivogerwa ry'ikirere caco. Ikinyamakuru Tasnim gicuditse n'ubutegetsi casubiyemwo amajambo yashikirijwe na Ali Shamkhani ati: ""Ikirere cacu ni umurongo ntarengwa. Irani yamye yivuna kandi izokwama yivuna igihugu ico ari co cose kizovogera ikirere cacu"". Irani imenyesha ko iyo drone yari iyo mu bwoko bwa RQ-4 Global Hawk, ariko umutegetsi wo mu gisirikare ca Amerika yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ari iyo mu bwoko bwa MQ-4C Triton ikoreshwa n'igisirikare kirwanira mu mazi. Amerika yagiriza Irani ko yateye ubwato bwari butwaye igitoro hakoreshejwe vya bisasu vya mine mu kigobe ca Oman. Iyo mishamirano yagiye kwiyongera ku munsi wa mbere aho Irani imenyeshereje ko mu ndwi iza izokwongereza urugero rw'ubutare bwitwa Uranium bukorwamwo ibirwanisho vy'ubumara, kurenza urugero yari yasezeraniye amahanga mu masezerano yo mu mwaka wa 2015. Irani yarongereje urugero rw'ubwo butare mu kwihora ibihano vy'ubutunzi cafatiwe na Amerika inyuma y'aho yivumburiye muri ayo masezerano mu mwaka uheze. Akarere ka Kuhmobarak Irani ivuga ko yakororeyemwo iyo drone kuri uyu wa kane kari hafi y'akarere ka Strait of Hormuz - inzira ikomeye icamwo igitoro kija mu bice bitandukanye vy'isi." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48702552 +politics Ukraine-Russia: Bakhmut, igisagara Abarusiya bakibandanya barondera kwigarurira "Na Jonathan Beale BBC News, Bakhmut Inyuma y’amezi hafi umunani kuva igitero c’Uburusiya kuri Ukraine gitanguye, ingabo zabwo ntizorohewe mu gihe Ukraine iriko itera intambwe yigarurira ubutaka mu buseruko no mu bumanuko. Mu karere ka Donbas kari mu buseruko, ingabo z’Uburusiya ziracarondera kwigarurira igisagara ca Bakhmut kandi ziriko ziratera intambwe. Iki gisagara cumvikanamwo vya muzinga vy’urutavanako, ijoro n’umurango. Amayinga atari make araheze ari uku. Abanyagihugu ba Bakhmut bangana na 70.000 hafi bose baramaze guhunga. Abasigayeyo nka bose ni abatama. Nta mazi, nta matara. Umurongo muto w’abantu bakirondera guhungishwa niwo uboneka, imodoka ntoya y’abagiraneza niyo igenda igaruka muri ico gisagara. Olena w’imyaka 70 yari umwe muri abo bari barindiriye guhungishwa. Uyu mutamakazi ati: ""Abantu bararushe”, aho nyene ibindi bisasu vya muzinga vyariko birasirana muri ico gisagara. Buri muntu aca yifata uko bimujemwo, nk’uko abivuga – bamwe bakanywa itabi, abandi bakarondera ico guhekenya, mu gihe abandi nabo bicara aho bakuzura amarira. Ubuzima bwaranse, nk’uko abivuga, kuko bateka hanze, bakamana indobo ku mutwe baja kuvoma amazi. Ati: ""Ndavumye uyu muntu yatanguje iyi ntambara. Ndamuvumye incuro 100”. Igihe yari yuriye imodoka yagaranzuye amaboko mu kwishimira ko yari ashoboye kuva muri ako kaga. I Bakhmut, Uburusiya buriko bwita m uziko bugerageza guhindura ibivugwa kuri ino ntambara. Ni kimwe mu bibanza bike ingabo zitariko zirasubira inyuma. Intambwe ziterwa hano zigenda buke buke kandi zikiha inkumbi, ariko ingabo z’Uburusiya zigenda zigarurira ubutaka. Kumbure hari impamvu Uburusiya bwashize inguvu zidasanzwe kuri Bakhmut. Mu ntango za rino ci, bwari bwigaruriye  ibisagara vya Severodonetsk na Lysychansk. Bakhmut yategerezwa gukurikira, vyari vyitezwe ko ingabo z’Uburusiya zari guca rero zisatira Kramatorsk na Sloviansk. Ariko aha hari igihe Ukraine itari bwatangure ibitero giturumbuka vyo kwivuna mu buseruko no mu bumanuko. Ingabo z’Uburusiya zarirukanywe amaja mu buraruko. Ibisagara vya Kramatorsk na Sloviansk ntibigishobora gushikirwa na vya muzinga vy’Uburusiya nk’uko vyari bimeze mu kw’indwi. Uburusiya ku ruhande runini vyabaye ngombwa ko buhindura amayeri, bukarwana intambara yo kwivuna, hakurwana intambara yo gutera. Koroneri (Col) Serhiy Cherevatyi, umuvugizi w’ingabo za Ukraine zirwanira mu buseruko, aracafise amakenga ko Abarusiya boba bagisigaranye abantu bakwiye n’uburyo bwo kwigarurira Bakhmut – ari naho bwashize inguvu nyinshi cane za gisirikare ubu, nk’uko abivuga. Aho nyene, nk’uko abivuga, Uburusiya buriko buragerageza kwubaka ibirindiro vyo kwivuna hirya mu buraruko mu micungararo y’ibisagara vya Svatove and Kremenna – naho nyene amayira nyamukuru yo gushikana uburyo ku rugamba akaba ageramiwe n’ingabo za Ukraine. Col Cherevatyi avuga ko ubu vyinshi bizovana n’igitigiri c’ingabo nshasha Uburusiya bushobora kwegeranya hamwe n’ubushobozi bwazo. “Gushika ubu, turabona ko bagoyagoya kandi ntabirwanisho bikwiye bafise”. Nasanze uyu mukoroneri mu bisigarira vy’ikimodoka ntamenwa c’Uburusiya casambuwe be n’imodoka z’intambara hafi y’igisagara ca Lyman giherutse kwigarurirwa. Niyo sanamu y’igisirikare c’Uburusiya Ukraine ishaka kwereka amakungu – iracabuza abanyamakuru gushika ahabera intambara. Col Cherevatyi avuga ko Uburusiya buherutse kurungika ku rugamba ibimodoka ntamenwa vya kera bizwi nka T62, vyakozwe mu myaka ya 1960, kubera vyinshi mu bikoresho bigezweho vyasambuwe. Mu kwezi guheze, Perezida Putin yatangaje ko ategerezwa kwinjiza mu gisirikare abantu 300.000 kugira baje kurwana, Uburusiya ubu bukavuga ko buzoba bwabakwijije mu ndwi zibiri uhereye ubu. Ariko utwigoro two kwigarurira Bahkmut turiko dukorwa n’abarwanyi b’umurwi Wagner, nk’uko igenedera rya gisirikare ry’Ubwongereza ribibona. Uyu murwi w’abacangero urwanira muri Ukraine kuva mu 2014, mu kwezi guheze hakaba hari videwo yasohotse yerekana umukuru wawo ariko arondera abarwanyi mw’ibohero ryo mu Burusiya. Yabwiye Abarusiya ati: ""Ni ibigo vya gisirikare vyigenga n’abapfungwa, canke abana banyu – ifatire ingingo wewe nyene”. Biracashoboka ko ingabo z’Uburusiya zishobora kwigarurira Bakhmut. Ariko none haca hakurikira iki? Col Cherevatyi  ati: ""Igihe tuva muri Lysychansk twararuhishije umwansi”. Yiteze ko bishobora kugenda uko nyene muri Bakhmut.  Nayo ku vyerekye iyongerekana ry’ibitero vya misire vy’Uburusiya biraswa kure, avuga ko ikintu conyene bizokora ni ukwongerereza intege Ukraine: ""Turabakubita ku rugamba, ikintu conyene basigaranye ni ibisasu vya misire”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c4n20ywqvlwo +politics Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora muri Kenya "Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye muri Kenya mu ndwi iheze. Mw'itangazo yasomye imbere vy'ibinyamakuru, Odinga yavuze ko azoca mu nzira zose zemewe n'amategeko kugira ivyavuye mu matora bibe impfagusa. Ku wa mbere umukuru w'umugwi ujejwe amatora yatangaje ko ayo matora yatsinzwe na Willian Ruto ku majwi 50,49% ku ri 48,85% ya Raila Odinga. Gusa imbere y'uko ivyavuye mu matora bitangazwa , bane kuri ndwi bagize umugwi ujejwe amatora batangaje ko badashobora ""kwemanga ivyayavuyemwo kubera umwijima waranze intambwe ya nyuma yo gusuzuma amajwi"". Mr Odinga yagirije umukuru w'umugwi ujejwe amatora, Wafula Chebukati ""kwirengagiza vyeruye ibwirizwa nshingiro"". Yavuze ati: ""Turiyamirije twivuye inyuma ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu"". Odinga yari amaze kwanka ivyavuye mu matora abiri yaheruka, mu 2017 sentare ikaba yaremeje ikirego ciwe amatora arasubirwamwo. Imbere y'uko Raila Odinga ashikiriza aho ahagaze, bane kuri ndwi bagize umugwi ujejwe amatora bari bahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kugira basigure igituma bavyanse. Bavuze ko umukuru w'umugwi, Wafula Chebukati, yabakumiriye hageze gutangaza ivyavuye mu matora, hanyuma atangaza ibiharuro birimwo amakosa kandi ""bitagira umutwe n'amaguru"". Icegera ciwe Julia Cherera yavuze ko uteranije ivyo kw'ijana Chebukati yatangaje utora 100,1% , ariko hari abavuga ko ivyo vyatewe no kwihenda mu kuduza igiharuro kiza inyuma y'agakwabu. N'aho biri uko, ibihugu bitandukanye birimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyakeje abanya-Kenya uburyo bitwaye mu matora binakeza uwayatsinze, William Ruto. Abakuru b'ibihugu bitandukanye ba Afrika nabo bakeje William Ruto ku ntsinzi yaraye atahanye. Raila Odinga w'imyaka 77 bwari ubugira gatanu yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu. William Ruto w'imyaka 55, yari asanzwe ari icegera c'umukuru w'igihugu, Uhuru Kenyatta, arangije ikiringo ca kabiri c'imyaka itanu, akaba atari arekuriwe gusubira kwitoza nk'uko amategeko ya Kenya abitegekanya. Muri aya matora ariko, Uhuru Kenyatta yahisemwo gushigikira uwo batahora bavuga rumwe, Raila Odinga." https://www.bbc.com/gahuza/articles/ceknpkrnxzko +politics Ubuhindi bwongereje abasirikare ku rubibe buhana n’Ubushinwa rurangwamwo induru "Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubuhindi avuga ko igihugu ciwe congereje abasirikare ku rubibe gihana n’Ubushinwa ku rugero rutari bwigere rubaho. Jaishankar yongerako y’uko Ubuhindi budashobora kwemera ko Ubushinwa “buhindura uko bwishakiye” uko ibintu bimeze ku mupaka. Ashikirije aya majambo yiwe inyuma y’imisi mikeya ingabo z’Ubuhindi n’iz’Ubushinwa zikozanijeko mu karere ko ku rubibe gateje impari mu ntara ya Arunachal Pradesh. Ubuhindi buvuga ko vyose vyatanguye igihe ingabo z’Ubushinwa zivogera ubutaka bwabwo. Ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire buvuga ko ku vyo buzi, ibintu “bimeze neza muri rusangi ku mupaka” kandi ko impande zompi zibandanya ziganira kuri iki kibazo. Ubuhindi n’Ubushinwa bisangiye urubibe rurangwa n’induru rungana na 3.440km – ruzwi nka Line of Actual Control, or LAC – rutaboneka neza. Abasirikare bo ku mpande zompi bakunze gushamirana mu turere tutari duke, mbere icuka kibi rimwe rimwe kirarenga inkombe gushika n’aho batana mu mitwe. Impande zompi ziragerageza kugarukana icuka ciza inyuma y’imishamirano yadutse mu kwa gatandatu 2020 mu Kiyaya ca Galwan (Galwan Valley) mu karere ka Ladakh amaja mu burengero – abasirikare 20 b’Ubuhindi hamwe n’abo Ubushinwa nibura bane bakaba barapfiriye mu ntambara. Imishamirano iheruka – iya mbere mu kiringo kirenga umwaka -  ni iyabaye ku wa 09 Kigarama (12), ikaba yatumye abasirikare bakomereka bukebuke. Impande zompi zaciye ziva muri ako karere, nk’uko igisirikare c’Ubuhindi cavuze. Jaishankar yavuze ibi mu gihe yariko yishura ibibazo kuri iki kibazo mw’ijambo ryiwe yashikirije mu birori vyateguwe n’ikompanyi y’ibinyamakuru India Today ku wa mbere. Ati: ""Uno musi, igisirikare c’Ubuhindi carungitse ingabo zitari bwigere zirungikwa ku rubibe rw’Ubushinwa. Uno musi igisirikare c’Ubuhindi carungitswe kuzibira Ubushinwa mu gihe bwogerageza guhindura intunganyo y’icungera ry’urubibe”. Ubushinwa ntaco burishura kuri ibi. Imishamirano iheruka yateje imvururu za poritike mu Buhindi mu ndwi iheze, aho imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yivmbuye mu nama nshingamateka inyuma y’icipfuzo cayo c’ibiganiro ku kibazo co ku mupaka cankiwe. Rahul Gandhi, umukuru w’umugambwe mukuru utavuga rumwe mu Buhindi Congress party, yagiriza reta kwirengagiza ibibazo biterwa n’Ubushinwa, akavuga kandi ko ingabo z’iki gihugu ”zikubita” iz’Ubuhindi ku rubibe. Ari imbere y’inama nshingamateka ejo ku wa mbere, umushikiranganji Jaishankar yavuze ko amajambo ya Gandhi ""ateza urubwa"" abasirikare b’Ubuhindi anahakana ko reta itigira sindabibazwa ku biriko biraba. ""Nimba turi ba sindabibazwa ku Bushinwa, ni nde yarungitse igisirikare c’Ubuhindi ku rubibe? Nimba turi ba sindabibazwa ku Bushinwa, kubera iki turiko duhatira Ubushinwa ko igabanya icuka kibi kandi ikigiza inyuma ingabo”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/ceq2qgwweddo +politics Afghanistan: Baracanacanako kugira bave muri ico gihugu "Abavyiboneye bavuga ko nibura abantu babiri bapfuye mu gihe abantu amajana n'amajana bagerageza gusohoka Afghanistan babandanya kurundana ku kibuga mpuzamakungu c'indege ca Kabul. Hari video zagaragaye ku mbuga hwaniro zerekana abanyagihugu basanzwe b'abanya-Afghanistan bafashe ku ruhande rw'indege mu gihe yariko iritegura kuguruka. Muri izo video, BBC itashoboye guhinyuza, hari abantu baboneka basa n'abicaye ku ruhande rw'indege ya gisirikare y'Abanyamerika iriko ibandanya inzira yayo yo kuguruka, abantu isinzi nabo bayikurikira. Inkuru zimwe, nazo BBC itarashobora guhinyuza, zivuga ko abantu babiri bapfuye inyuma yo gukoroka bava kuri iyo ndege ubwo yari imaze kuva hasi. Abantu nibura babiri bivugwa ko bapfuye kuri ico kibuga nyene, ubwo abantu isinzi bagerageza guhunga igihugu. Ntibizwi niba barashwe canke bapfuye mu gucanacanako. Ingabo za Amerika, ubu arizo zigenzura ico kibuga mu gihe indege zo kuvanayo abantu zikomeje guhaguruka, bivugwa ko zarashe hejuru kugira bashwiragize abantu isinzi kuri uyu wa mbere. Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko igitigiri c'abapfuye gisumba ngaho. Rivuga ko umwe mu bavyiboneye yaribwiye ko yabonye imivyimba y'abantu batanu ijanywe mu modoka. Uwundi yavuze ko atawuzi neza niba abo bantu barashwe canke bapfuye mu musunikano no gucanacanako. Hagati aho, ibihugu vy'i Buraya biriko biracanacanako mu kuvana abayagihugu bavyo ku mugwa mukuru wa Afghanistan, Kabul. Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa repuburika ya Czech yemeje ko indege ya mbere y'ico gihugu itahanye abantu yashitse ku murwa mukuru Prague, irimwo aba Czech, abanya-Afghanistan bahora bakorana hamwe n'imiryango yabo. Ubudagi bwatangaje ko indege zo kuvana abantu babwo muri Afghanistan zatanguye ku wa mungu ku mugoroba, indege za gisirikare zikaba zararungitswe kuvanayo Abadagi n'abandi bakozi b'abanya-Afghanistan kuri uyu wa mbere. Ibihugu vy'Ubufaransa na Nouvelle Zelande na vyo nyene vyavuze ko biriko biraraba ingene bivana abanyaguhugu bavyo muri Afghanistan. Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi yemeye ko ""abantu bamwe bamwe ntibazoshobora kugaruka bava muri Afghanistan"" mu gihe hakomeje urugambwa rwo kutahukana Abongereza bari muri Afghanstan n'abo bakoranye muri ico gihugu. Ben Wallace ubwa mbere yari yavuze ko ""aremye"" ko Abongereza bose bazova muri Afganistan ariko kuri uyu wa mbere mu kiganiro kuri radiyo LBC vyamwankiye kwifata aca avuga ati: ""Biri mu vyo nicuza cane…raba, hari abantu batazogaruka. Hari abantu batazogaruka, tuzokora ivyo dushobora duce ku bindi bihugu kugira dukureyo abo bantu"". Abajijwe igituma yumva bimubabaje we ubwiwe Wallace yishuye ati: ""Ndi umusirikare…kandi biteye agahinda kandi Abanyaburaya ivyo bakoze babikoze, dutegerezwa gukora ivyo dushoboye vyose kugira tuvaneyo abantu kuko biri mu nshingano zacu, imyaka 20 yo kwitanga, murumva icari co"". Aba Taliban binjiye umurwa mukuru wa Afghanistan , Kabul, ku wa mungu, bagenzura igihugu ubwa mbere mu myaka hafi 20 ubwo reta yatembagaye umukuru w'iguhugu Ashraf Ghani nawe agahungira mu mahanga." https://www.bbc.com/gahuza/58232171 +politics Iran yongereje urugero rwa uranium inyuma y'igitero ku ruganda rwayo cayibabaje "Iran igiye kwongereza urugero rwa uranium gushika ku bice 60% mu kwihora igitero ku ruganda rwayo cikekwa ko cakozwe na Israel, nk'uko bivugwa n'umukuru w'ico gihugu Hassan Rouhani, ibi bikayituma yegereza urugero rukenewe kugira ihingure ikirwanisho c'ubumara. Igitero co ku wa Mungu casambuye ivyuma vy'umuyagankuba ku ruganda rwa Natanz, bituma ibikoresho vyo guhingura ubutare bwa uranium biharurwa mu bihumbi vyononekara. Perezida Rouhani yaciye agabisha ababikoze ko urugero rwa uranium rugiye kwongerezwa kubera ""ubugome bwanyu"". Ariko yashimangiye ko ibikorwa vya Irani vyo guhingura ubutare bw'ubumara ""ari ivy'amahoro gusa"". Ubufaransa, Ubudagi, n'Ubwongereza vyaciye vyerekana ""impungenge nyinshi "" kuri iyo ngingo, bikavuga ko Iran ""ata kintu na kimwe cosigura ko ikeneye kwongereza uru rugero mu mugambi wa gisivire"". Ibi bihugu biri muri ya masezerano yo mu 2015 na Iran, amasezerano ayemerera guhingura uranium gushika ku rugero rwa 3.76% kugira ngo ikore umuyagankuba. Kugira ngo hashobore guhingurwa ikirwanisho c'ubumara hakenewe uranium itunganyije iri ku rugero rwo 90% no kurenga. Iran yatanguye kwongereza uranium itunganyije ishika ku rugero rwa 20%, hari mu kwa mbere mu kwihora ku bihano vyari bisubijweho na Amerika igihe yari irongowe na Donald Trump, inyuma y'aho yiyonkoreye muri aya masezerano haraciye imyaka itatu. Israel ntirashobora kwemeza canke guhakana uruhara rwayo mu gitero co ku ruganda rwa Natanz, ariko isanzwe ibona ko umugambi wa Iran wo guhingura ubutare bw'ubumara ari akaga ku kubaho kwayo kandi aranegura utwigoro twa Joe Biden two kunagura aya masezerano. Iradiyo y'igihugu yatangaje amakuru yahawe n'igendereza avuga ko ico gitero cari igitero cakozwe ku nyabwonko na Mossad, urwego rwa Israel rujejwe igendereza ryo hanze. Abajejwe igendereza rya Amerika babwiye ikinyamakuru New York Times ko igisasu kinini caturitse kigasambura ibikoresho vyatanga umuyagankuba mu cumba co mu kuzimu ku ruganda rwa Natanz cahingurirwamwo uranium. Ku wa kabiri, umukuru w'ikigo c'inama nshingamateka ya Irani kijejwe amatohoza, Alireza Zakani, yavuze ko ibikoresho biharurwa mu bihumbi ""vyononekaye canke bigasamburwa mu mwanya muto"" kandi ko ""igice kitari gito c'ubushobozi bwacu bwo kwimbura ubu butare"" casambutse. Ku wa kabiri mw'ijoro, uwuserukira Iran mw'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inguvu z'ubumara ( International Atomic Energy Agency, IAEA) yatangaje ko Iran yari yatanguye kwongereza uranium gushika ku rugero rwa 60% ku ncuro ya mbere mu kwihora ico gitero. Iran izoshiraho ibindi bikoresho 1000 ku ruganda rwa Natanz vyo gusubiriza ivyasambuwe biri mu bwoko bwa IR-1 vyari bishaje kandi bitakora neza - ibisubirize n'ivyo mu bwoko bwa IR-6 bigezweho, ibi bikazotuma ishobora kwongereza cane uru rugero rwa uranium. Ejo ku wa gatatu, Perezida Rouhani yabwiye inama nshikiranganji ko mu gihe hakirindiriwe icegeranyo ntabanduka c'inzego za Irani zijejwe umutekano za Iran kuri ico gitero, ""biraboneka ko ari igitero cakozwe na Israel"". Iran ntiyemera ko Israel ari igihugu gifise uburenganzira bwo kubaho mbere ikunze kucita ""igihugu c'abanya siyoni"". Ati: ""Ntushobora kurondera guhungabanya umutekano wa Irani hanyuma ngo ukore icaha i Natanz; tuzoguca amaboko igihe uzoba ukoze icaha"". Yongeyeko ati: ""Wakoze icaha c'iterabwoba rya nikleyeri; ivyo turiko turakora bijanye n'amategeko"". Perezida Rouhani avuga ko ababikoze bashaka kuburizamwo ibiganiro hagati y'abategetsi ba Amerika na Irani i Vienna mu ntumbero yo kurondera kunagura aya masezerano azwi nka Joint Comprehensive Plan of Action (JCPOA). ""Turazi ico uriko uragerageza kugira; ushaka ko tuja muri ivyo biganiro turi imbokoboko ariko nagomba ndakubwire ko tugiye muri ibi biganiro dufise inguvu nyinshi"". Mu nyuma, indongozi y'ikirenga ya Iran, Ayatollah Ali Khamenei, yagabishije abategetsi ba Amerika ko ""batari bashatse kwemera ukuri"" kandi ko akenshi bagiye batanga ivyiyumviro bitari ""binakwiye gufatirwako"". Ati: ""Ni ngombwa ko ibihano bibanza gufutwa. Mu gihe tuzobona ko ivyo vyakozwe, tuzoheza twubahirize ivyo twiyemeje"". Reta z'Ubufaransa, Ubudagi n'Ubwongereza, zivuga ko kwongereza urugero rwa uranium gushika ku bice 60% ari ""ikintu gikomeye"" kuko ari ""intambwe ikomeye mu nzira yo gukora ikirwanisho c'ubumara"". ""Amajambo ya Iran arababaje cane kubera avuzwe mu gihe ibihugu vyose biri muri aya masezerano hamwe na Amerika vyatanguye mu ntumbero yo kunagura amasezerano. Ivyavuzwe na Irani biteye kubiri n'intumbero yo kwubaka n'ukugarukana umwizero muri ibi biganiro"". Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika Jen Psaki avuga ko ingingo ya Irani ari ""agasotoro""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56756734 +politics Desmond Tutu: South Africa yatanguye ikigandaro c'indwi mu kwibuka iyi ntwari yarwanije apartheid "Afrika y'Epfo igiye kumara indwi yose iri mu bikorwa bitandukanye bibuka urupfu rw'uwarwanije intwaro y'ivanguramoko ya apartheid, Musenyeri Desmond Tutu, yaraye ashengeye ku myaka 90. Mu nteguro z'iki kigandaro (canke icyunamo), ikiziga ciwe kizomara imisi ibiri kiri ahagaragara imbere y'uko haba ibirori vyo kumushingura bitegekanijwe ku wa 01 z'ukwa mbere 2022 i Cape Town. Abategetsi batari bake kw'isi bashikirije ubutumwa bw'icubahiro, harimwo Umwamikazi Elizabeth II, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Papa Francis. Tutu yari umwe mu bantu bazwi cane mu gihugu hagati no mu makungu. Perezida Cyril Ramaphosa yasohoye itangazo aho avuga ko Tutu yafashije ""kubohoza Afrika y'Epfo"". Mu runganwe rwa Nelson Mandela, Tutu yahawe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel mu 1984 kubera uruhara yagize mu kurwanya ubutegetsi bw'ivanguramoko bwa apartheid bwari bwashinzwe n'inkehwa z'abazungu mu guhonyora ku gakanu abirabure ari nabo nyamwinshi mu gihugu, kuva mu 1948 gushika 1991. Ejo ku wa Mungu, abanya-Afrika y'Epfo b'imice yose barashitse kw'isengero nkuru ya Cape Town (Cape Town's St George's Cathedral) bashiraho amashurwe bunamira iyi ntwari y'igihugu. Akorora amosozi mu gihe yari mu kigandaro, Brent Goliath yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: ""Ivyo yakoze birarengeye kwitwa umu-Anglican gusa"". ""Nakoroye amosozi mu gitondo numvise urupfu rwiwe. Ndashimiria Imana kubona yari yaramuduhaye"", niko Goliath avuga, anongerako y'uko yabonanye na Tutu incuro nyinshi. Abategetsi batari bake b'isi bashikirije ubutumwa bwo kwibuka iyi ntwari. Perezida Biden avuga ko yababaye cane yumvise ""urupfu rw'uwitangiye Imana n'abantu"", yongera ko ati ""iragi rya Tutu rirengeye imbibe kandi rizokwama ryibukwa imyaka yose"". Uwahoze arongoye Amerika Barack Obama nawe avuga ko Tutu yamubereye ""umuhanuzi, umugenzi n'umwigisha"". Mu butumwa bwiwe bwo guhoza, Umwamikazi Elizabeth II avuga ko azirikana n'umutima wiwe incuro yahuye nawe, igishika n'uburwaneza vyiwe. ""Urupfu rwa Musenyeri Tutu ruzokorako abanyagihugu ba Afrika y'Epfo hamwe n'abatari bake mu Bwongereza, Irlande ya ruguru hamwe no muri Commonwealth yose, aho abatari bake bari bamufitiye urukundo n'icubahiro kidasanzwe"". Itangazo rya Vaticano rivuga ko Papa Francis yahojeje ""cane umuryango n'incuti ziwe"". ""Twibutse ubutumwa bwiza yatanga abicishije mu guhimiriza uburinganire n'ugusubiza hamwe hagati y'abadasangiye amoko muri Afrika y'Epfo, ubweranda bwiwe bushikane umutima wiwe ku mbabazi z'urukundo rw'Imana mushoboravyose"". Urupfu rwa Tutu ruje haciye indwi nkeya umuzungu wa nyuma yarongoye ico gihugu muri butegetsi bwa apartheid, Frederik Willem de Klerk, asandavye ku myaka 85." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59799071 +politics Zelensky arashikiriza ijambo Congress mu gihe US yamwemereye miriyoni $800m z'imfashanyo ya gisirikare "Umukuru w'igihugu wa Ukraine yitezwe kubandanya asaba ko ibihugu bigize OTAN/NATO bifasha guhagarika ibitero vy'Uburusiya mw'ijambo aja gushikiriza inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress) vya Amerika abicishije ku buhinga bwa none (video link) mu masaha ari imbere. Bishoboka cane ko prezida Volodymyr Zelensky aja gusubiramwo ivyo yasavye ko hashingwa ikirere ata ndege zirekuriwe gucamwo (no fly zone) mw'ijambo aheruka gushikiriza inama nshingamateka. Ijambo ryiwe rije mu gihe prezida wa Amerika Joe Biden yitezwe gutangaza ayandi mafaranga angana na miriyoni 800 z'amadorari y'imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine. Ayo mafaranga azofasha Ukraine kuronka ibisasu bisambura ibiduga ntamenwa n'ibirasa indege, nka Stingers na Javelins, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika. Ayo mafaranga ari mw'itegeko rigenga imfashanyo kuri Ukraine ryemejwe n'inzego zishinga amategeko ku ndwi iheze. Ashira umukono kuri iryo tegeko ku wa kabiri, prezida Biden yavuze ko igitero c'Ubususiya kuri Ukraine cunze ubumwe mu bantu hirya no hino kw'isi. Mu mwaka uheze, intwaro ya Biden yahaye Ukraine miriyaridi 1,2 z'amadorari aciye mu bigwanisho birimwo kajugujugu za Mi-17, ubwato bwo gukizura hamwe n'ibigwanisho bito bito birimwo ivyo gutera ama granade n'inkoho za machine guns, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru New York Times. Prezida Zelensky amaze gusaba kenshi OTAN ko yoshinga ko ikirere ca Ukraine kizira kugicishamwo indege, ariko OTAN yaranse. Ikirere kizira gucishamwo indege hejuru ya Ukraine coba gisigura ko OTAN yoca ihangana n'indege z'Uburusiya zigiciyemwo hanyuma ikazirasa bikenewe. Kuwa kabiri, abashikiranganji ba mbere ba Pologne, Slovenia na Czech Republic bafashe gariyamoshi baja i Kyiv aho bahuye na prezida Volodymyr Zelensky. Umushikiranganji wa mbere Janez Jansa wa Slovenia yabwiye abanya-Ukraine ati: ""Ntabwo muri mwenyene. Intambara yanyu ni iyacu kandi hamwe tuzotsinda."" Nirwo rugendo rwa mbere rw'abategetsi ba Buraya muri Ukraine kuva Uburusiya bugavye igitero muri ico gihugu mu kwezi guheze. Uretse ico kirere kibujijwe indege, prezida Zelensky yarasavye kandi Amerika n'ishirahamwe rya Buraya kumuha indege za Pologne za MIG-29 z'intambara, ariko ivyo vyaranswe na presida Biden kuko kwoba ari ugukwegera ibihugu vya OTAN muri iyo ntambara. Biden yitezwe kuja Bruxelles ku ndwi iza kubonana n'abo basangiye umuryango wa OTAN yongere aje mu nama y'abategetsi b'ibishirahamwe rya Buraya. Umukuru wa Amerika azovugana na begenziwe ba Buraya utwigoro two ''kwivuna umwansi no gutururuza,"" hanyuma ashimangire ukudahesha kw'igihugu ciwe mu gushigikira ibihugu vya OTAN , nk'uko bivugwa n'umunyamabanga ajejwe amakuru muri Maison Blanche, Jen Psaki." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60753224 +religion Mw'isengero Notre Dame habaye imisa ya mbere kuva ihiye abapatiri bambaye inkofero zera "Ejo ku munsi wa gatandatu, niyo haba imisa ya mbere kw'isengero Notre Dame i Paris mu gihugu c'Ubufaransa, inyuma y'aho ihiriye mu kwezi kwa kane kw'uno mwaka. Muri iyo misa yari irongowe na musenyeri wa diyoseze ya Paris Michael Aupetit, abapatiri bari bambaye inkofero zikomeye (casques) zera. Iyo misa yahuriyemwo abantu bake bari bagizwe n'abakuru ba Ekleziya Katolika, abakozi b'iyo Ekleziya hamwe n'abandi, harimwo n'abariko barasanura iyo sengero. Igihe iterwa n'umuriro, abantu bari bafise ubwoba ko ishobora gusha ikazimangana inyuma y'imyaka amajana umunani (800) yari imaze. Abajejwe kuzimya imicanwa y'ivyaduka bashika 500 bakaba barashoboye kuzimya uwo muriro wamaze ikiringo c'amasaha icenda, mbere igice kitari gito co hagati muri iyo nyubakwa kikaba ataco cabaye. Emmaneul Macron, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, akaba yihaye intumbero y'uko urwo rusengero rusanurwa mu kiringo c'imyaka itanu. Yavuze ati: ""Iyi sengero tugiye kuyisanurira hamwe kuko ata nkeka ko ari imwe mu bigize inzira yacu nk'abafaransa muri kazoza"". Uwo muriro wadutse mw'iyo sengero kw'igenekerezo rya 15 z'ukwa kane uno mwaka, hari mu gihe c'i Karema, umunara hamwe n'urusenge bikaba vyarasenyutse. Ariko Altari, umusaraba mukuru uri kuri Altari bikaba biri mu bitahiye." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-48652652 +religion Uganda: Musenyeri mukuru wa Kampala Cyprian Kizito Lwanga yitavye Imana Itangazo rya Diyoseze Katorika nkuru ya Kampala yahora irongowe na Cyprian Kizito Lwanga rivuga ko ejo mu gitondo basanze uyu musenyeri w'imyaka 68 yapfiriye mu cumba ciwe. Urupfu rwiwe rwababaje abanya Uganda benshi bacishije ubutumwa bwabo ku mbuga za Twitter na WhatsApp berekana akababaro kabo. Ku wa gatanu, yari yarongoye imisa mu birori vyo guhimbaza uwa Gatanu Mweranda. Kizito Lwanga - yaronse ubupatiri muri Katorika mu 1978 - yari umuntu azwi cane ko adatinya kuvuga, akaba yaboneka nk'umwe mu banekura cane umugambwe NRM uri ku butegetsi. Yari umuntu adatinya kunegura abarya ruswa, ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu hamwe n'ivyo guhindura ibwirizwashingiro mu ntumbero yo gukuraho ingingo zigabanya ibiringo n'imyaka vy'umukuru w'igihugu vyatumye Perezida Yoweri Museveni abandanya atwara. Mu 2012 yarandikiye urwandiko rwabaye rurangiranwa Perezida Museveni amusaba ko mu 2016 yokukuruka. Mu 2018, uyu musenyeri mukuru yaragirije reta ko yariko iragura abapatiri kugira ngo bamukoreko igendereza anahakana amakuru yariko amuvugwako ko yariko ategura gutembagaza ubutegetsi. Mu misi iheze, yariyamirije itotezwa n'inyuruzwa ryavugwa ko rikorerwa abanywanyi b'imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi. Mu gihe hari hegereje amatora yo mu kwa mbere 2021, yasavye ko yokwunguruzwa mu kiringo c'imyaka itatu kubera ikiza ca coronavirus n'icuka kibi ca politike. Hagati aho, abatavuga rumwe n'ubutegetsi ntibabishimye. Urupfu rwiwe rubaye mu gihe igihugu kirangwamwo icuka atari ciza inyuma y'amatora yo mu kwa mbere yabayemwo induru nyinshi, abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi nabo bakavuga ko abanywanyi babo banyurujwe. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56630118 +religion Abakuru b'amasengero bamwe bakwirakwiza ububeshi ku ncanco za Covid-19 Abakuru b'amasengero bamwe bakwirakwiza amakuru y'ububeshi ku ncanco za coronavirus. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56468879 +religion Germany: Abapatiri bagararije Vatican bahezagira abubakana basangiye ibitsina "Kuva ku wa mbere, abapatiri bakorera mu masengero ashika ijana muri Ekleziya Katolika mu Budagi batanguye guhezagira abubakana basangiye ibitsina. Umuhari wiswe Love Wins (Urukundo ruratsinda) wavutse inyuma y'aho Ekleziya Katolika itangarije mu kwa gatatu ko Imana ""idashobora guhezagira igicumuro"". Imbere y'aha, uyu muhari wanditse uti: ""Abubakanye bose bategerezwa kuronka imihezagiro Imana ishaka kubaha - ku mugaragaro"". Haraciye imisi Papa Francis avuze ko yibaza y'uko abubakanye basangiye ibitsina bokwemerwa ""imbere y'amategeko"". Mw'ireresi (documentaire) yasohotse mu mwaka uheze, yumvikanye avuga ko aba bantu ""bafise uburenganzira bwo kuba mu muryango"". Hagati aho, yagiriyeko yemeza inyigisho nyobokamana za Ekleziya zivuga ko Ekleziya Katolika ata bubasha ifise bwo guhezagira abashaka kwubakana basangiye igitsina. Muri Ekleziya Katolika, umuhezagiro utangwa n'umupatiri canke uwundi yihebeye Imana kw'izina rya Ekleziya. Ico gihe Papa yavuze ko inyishu ya Vatikano itari ifise intumbero yo kuvangura, ahubwo ko kwari ukwibutsa ukuri kw'imigirwa nyobokamana ya Ekleziya. Hagati aho, umuhari Love Wins wafashe iyo ngingo ya Ekleziya yo kwima umuhezagiro abubakanye basangiye ibitsina nk'uguhohotera abantu kw'isi. Uyu muhari wasohoye ikarata yerekana amasengero yose agiye guhezagira aba bantu mu misi iri imbere. Abapatiri n'abandi bakozi ba ekleziya baharurwa mu bihumbi bateye igikumu ku rwandiko rusaba ko Ekleziya yohezagira abubakanye basangiye ibitsina, mu gihe amaparuwase amwe amwe amanika amabendera afise amabara y'umunywamazi (umukororombya mu kinyarwanda) imbere y'amasengero. Umunyamakuru wa BBC Damien McGuinness i Berlin avuga ko Ekleziya Katolika mu Budagi ifise ubwigenge kandi itunze gusumba ibihugu vyinshi, ibi bikumvikana ko kubona ibitigiri vy'abantu bemera abubakanye basangiye ibitsina bitera vyiyongera muri ico gihugu, bizogorana ingene Vaticano ivyirengagiza. Kuva mu 2017, amategeko araha uburenganzira abubakanye basangiye ibitsina mu Budagi kandi iki gihugu carakuyeho za nyigisho ziswe ""inyigisho zo kugarura abafise ingendo ijana ku guhuza ibitsina babisangiye"" (gay conversion therapy) ku bana bari musi y'imyaka 18." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57067872 +religion Ekleziya Katolika mu Burundi ibona amakenga, CNDD-FDD iti 'Katolika igomba gucanishamwo Abarundi’ "Ekleziya Katolika mu Burundi isaba Abarundi kwirinda ivyo vyose vyotuma amatora ategekanijwe mu mwaka uza imitima y'Abarundi idatekaniwe. Mw'ijambo ryasomwe kuri uyu wa Mungu 22/09/2019 mu masengero yose ya Katolika mu Burundi, Inama nkuru y'Abepiskopi b'i Burundi bavuga ko batewe amakenga n'ibikorwa bimwe bimwe babona ko bihagaritse imitima Abarundi batari bake. Abategetsi b'u Burundi bagize iminsi batarabana ryiza n'abarongoye Ekleziya Katolika, bakabagiriza ko bivanga muvya politike, bakanabasaba ko batogira uruhande begamiyeko. Abasenyeri bobo bavuga ko bazokwama bavuga ukuri ""n'aho hari aho bishika kukababaza"". Mw'iryo tangazo, inama nkuru y'abepiskopi b'i Burundi iragabisha ko mu ntara zitari nke hibonekeza ""agatima kabi k'ukuburabuza n'uguhohotera imigambwe imwe imwe n'ugutoteza abanywanyi bayo"", mu gihe yemerewe gukorera ku mugaragaro. Bavuga ko ivyo vyiyongera ku mvugo, ku nzandiko n'inyifato ""vy'iterabwoba bishobora kubuza amatora kugenda neza"". Abo basenyeri bavuga kandi ko hari ubugizi bwa nabi burimwo ubwicanyi bufatiye ku mvo za politike bwibonekeza mu ntara zimwe zimwe. Bati: ""Ahatari hake bukorerwa abatavuga rumwe na Leta, kandi ahenshi, ubutungane ntibubanguka ngo bwerekane ko buriko burahana inkozi z'ikibi bukurikije amategeko"". Abo basenyeri kandi baratewe amakenga n'ico bita ""ugushaka kwitiranya umugambwe uri ku butegetsi n'igisata kijejwe intwaro"", bakavuga ko hari ibice bimwe bimwe aho urwaruka ruri muri uyo mugambwe womenga rugomba gusubirira inzego zishinzwe umutekano. Basaba inzego zirongoye igihugu gushinga n'ukwubahiriza amategeko, cane cane irirekurira imigambwe myinshi gukora. Iryo jambo yasohoye ku wa 13 z'uku kwezi kw'icenda ryagiye gukwiragizwa ku mbuga hwaniro imbere y'uko risomwa kuri uyu wa Mungu, rikaba ryarashavuje umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Mu gihe yari muri komine Mugongomanga mu ntara ya Bujumbura ejo ku wa gatandatu, umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, yabwiye abanyagihugu ko ata yindi ntumbero inama y'abepiskopi ifise atari uguteranya abarundi. « Abungere ba Ekeleziya Katorika bashaka gusubira kuvyimvya imitima y'Abarundi, nkuko babigize mu mwaka wa 2015, imbere y'amatora». Kuri we, iyo amatora yegereje, haba hageze ko bashikiriza amajambo y'ugucanishamwo Abarundi. Evariste Ndayishimiye aranegura kandi ko abungere ka Katolika babona ko amatora ateguwe hakiri impunzi zikiri hanze ""kuko babona ko ikibazo catumye bahunga kitaratorerwa umuti"". Bwana Ndayishimiye abona ko iyo atari ingorane kuko kuri we, n'ayandi matora yabaye mu myaka yaheze yatunganijwe impunzi zikiri hanze, akababazwa n'uko ko ata tangazo abo bungere ba Ekleziya Katolika bigeze basohora. ""Mu matora yo mu 1993, 2005, 2010, impunzi zose zari zarahungutse? Mwarigeze mwumva itangazo ngo amatora ntashoboka mu masengero kubera impunzi zose zitarahunguka""? Ku bwiwe abavuga ko amatora ashobora kutagenda neza, ni abantu badakunda amatora bashako ko abarundi basubira mu ""ntwaro za dyogora duhure"". Iryo jambo risohotse iminsi mikeya inyuma y'aho umukuru w'inama nshingamateka, Pascal Nyabenda, asabiye abarongoye Ekleziya ko boreka kwerekana aho bahengamiye mu bijanye na politike muri kino gihe. Hari ku munsi mukuru wa Assomption i Mugera imbere y'isinzi ry'abakirisu bari bavuye mu mihingo yose y''igihugu. Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi, nawe ati: ""Kubera rivuga ukuri, ijambo ry'Imana hari aho rigera rikababaza, rikamera nka wa mugera w'ukumena igihute, kandi ntidushobora gucisha iruhande""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49786229 +religion Karnataka: 'Kwambara hijab ntibigira abagore b'aba-Islam abahohotewe' "Nabeela Shaikh yatanguye kwambara hijab afise imyaka 30. Ni we yayambaye ubwa nyuma mu bakobwa batatu bavukana. Mukuru wabo, Muzna, wewe yatanguye kuyambara afise imyaka umunani, avyigiye kuri muvyarawe. Kuva ico gihe yashobora kuyambara bivanye n'abo bari kumwe - guhika aho, nk'uko abivuga, aboneye ko ""bitanezereza bose"". Mutoyi wabo, Sarah, wewe yatanguye kuyambara ""ageze mu bihe bitoroshe"" mu buzima bwiwe igihe indoto yiwe yo kuba umuganga yicwa n'amanota mabi yaronse mu kibazo. Ati: ""Vyatanguriye ku bintu nko gusenga ku mwanya, Hijab yanjemwo mu nyuma nk'ibintu bisanzwe"". Aba bakobwa - bavuka ku baganga - bakuriye mu ntara ya Mumbai y'Ubuhindi iri ku nkengera z'ibahari. Nyina wiwe gushika ubu ntiyitwikira, ariko iyo bobo bitwikiriye abantu bafata ko babikoze ku gahato. Ikibazo - nimba abakobwa bafise uburenganzira bwo kwambara hijab mw'ishure - kiri muri sentare. Ni ikibazo cateje imigumuko, kiracanishamwo abanyeshure mbere kinatuma abakobwa batari bake b'aba-Islam mu ntara ya Karnataka baheba kuja kw'ishure. BBC yavuganye n'abagore b'aba-Islam mu Buhindi, aho bavuga ko bababajwe n'ukubona iki kibazo giteje impari. Umwe muri aba bagore ati: ""Twama twibukijwe ko kugira ngo twisanzure, duhebe ibintu vy'amadini"". Abahitamwo kwambara hijab bavuga ko batabitumwa gusa n'idini, ariko ko ari umuntu aba yavyiyumviriye. Hanyuma abahitamwo kutayambara nabo bakavuga ko imishatsi yabo atari igipimo c'ukwemera kwabo. N'agatwengo, Nabeela avuga ati: ""Abantu ntibatahura ingene umuntu yumva ko akomeye iyo yambaye igitambara ku mutwe. Birabatesha umutwe ugasanga bariko baducira imanza"". Guhohoterwa ni ijambo rikunze gukoreshwa ku bagore bambaye hijab - ariko benshi bavuga ko kwanka kwemanga igituma bayambara ataco bibafasha, kandi ukwanka kuyikura atari vyo bituma abakobwa bataja kw'ishure. Uwiyita Nag w'imyaka 27 ava mu gisagara ca Bangalore, avuga ati: ""Abagore b'aba-Islam bakiri bato bari mw'ibarabara baharanira uburenganzira bwabo. None ushaka kumbwira ko aba bagore badashobora kwiyumvira bo nyene ubwabo""? Igihe Naq afata ingingo yo kwambara hijab, haraciye imyaka itanu, avuga ko yahuye n'ingorane ""zidasanzwe"". Ati: ""Umwitwikiro wanje washize ahabona ibiri mu mitwe y'abantu. Abantu baguma bankekeza: urahohoterwa? Wumva ushushe? Ukoresha shampo iyahe? Hari abantu bambaza nimba nari mfise imishatsi - bibaza ko mfise kanseri"". Abandi bagore b'aba-Islam - nka Wafa Khatheeja Rahman, umunyamategeko wo mu gisagara ca Mangalore - avuga ko kutambara hijab kutagabanya ubu-Islam bwabo. Avuga ati: ""Sinanse kuyambara kubera itajanye n'ico ndi - kandi nta n'umwe ashobora kuntegeka kuyambara. Ariko kandi, ni nk'uko ata muntu n'umwe yoza ambwira ko ntegerezwa kuyambara"". Na nyina wa Wava ntiyigeze yambara hijab - ariko avuga ko yakuranye ukwemera kwose ari kumwe na nyina, yumviriza amakuru y'Intumwa ariko kandi n'ay'abagore bo muri Islam. ""Umugore wa mbere w'Intumwa yari umudandaza, mu gihe uwa kabiri yagendesha indogobwe mu ntambara. None wumva koko duhohoterwa nk'uko isi ishaka ko tuvyemera?"" Hari igihe Falak Abbas yahora yanka iciyumviro co gupfuka imishatsi yiwe, ikintu kidasanzwe i Varanisi, igisagara co mu buraruko kigendera ku vya kera. Ariko igihe yari afise imyaka 16 akabona Malala Yousafzai, umunya-Pakistan yahawe agashimwe kitiriwe Nobel, ku mboneshakure, yaciye ahinduka. Ati: ""Yari yitwikiriye kandi yariyumva ko akomeye cane. Iciyumviro caciye kinzamwo nca mfata ingingo yo kwitwikira nanje"". Ishure ryiwe ry'abihebeye Imana ryaravyanse, rikavuga ko hijab itajanye n'umwambaro w'ishure wari ugizwe n'ikanzu ndende n'ipantaro. Falak avuga ko yabujijwe kwinjira mw'ishure imisi itatu - mbere agatakaza n'ikibazo ndondamubiri (biologie) yategerezwa gukora. Yiyamirije iyi ngingo, abategetsi b'ishure baciye batumako abavyeyi biwe baca bamwagiriza ko afise ingeso mbi. Avuga ati: ""Bavuze ngo ni nambara hijab nzoteza ingorane, atari kuri jewe gusa, ariko no kw'ishure ryose kuko bose bazoca babona ko ndi umu-Islam. None ingorane iri he kuba umu-Islam?"" Ariko rero mu nyuma yahavuye yigarura inyuma y'aho abavyeyi biwe bamusabiye ""kutonona amashure yiwe kubera hijab"". Inyuma y'imyaka umunani, abonye ivyabaye i Karnataka, avuga ko asubiye kwumva yarengewe ""n'ishavu ryinshi"". Khadeeja Mangat, ava mu ntara yo mu bumanuko ya Kerala, na we nyene arababajwe n'ukuntu babakurikirana. Umusi umwe ishure ryiwe ryarabujije hijab mu 1997 - ariko iyi ngingo yahavuye ihagarikwa, ariko Khadeela aribaza ingene bizogenda i Karnataka. Ati: ""Vyose biri imbere yawe - ibwirizwa shingiro, imico n'induru zacu. Ariko twaremwe kugira ngo kurwanire agateka kacu tudahengeshanya, naho hoba ari ugutakaza amashure"". Mu gihe sentare yibanda cane cane ku kibazo co kwambara hijab mw'ishure, abagore b'aba - Islam bafise amakenga ku kungene uru rubanza ruzogenda mu gihugu c'Ubuhindi gitwarwa na reta y'igi-Hindu irongowe n'umushikiranganji wa mbere Narendra Modi. Simeen Ansar ava mu gisagara co mu bumanuko ca Hyderabad, avuga ko hijab iriko irahindurwa ikimenyetso c'ubugumutsi ku ""nyungu za poritike"". Ati: ""Nakuranye n'abakobwa b'aba Hindu bapfuka amaguru yabo mu mwambaro w'ishure, ivyo jewe ntari nitayeho ico gihe gusumba uko nabona ingene abahungu b'aba Sikh bambaye igitambara co mu mutwe"". ""Ariko iyo haje ikibazo co kwambara hijab, abagore b'aba-Islam bafatwa ukundi. Mba nkiri inyuma kandi mpohotewe iyo ndayambaye, nkaba uwugezweho kandi nisanzuye iyo ntayambaye"". Avuga ko we n'uwo bavukana bari batanguye kwambara hijab, ariko bibaka ngombwa ko baca bayiheba kubera abantu batigeze bavyihanganir Mu gihe uwo bavukana yanenwa ku kazi, Simeen avuga ko abantu bamutamarira mu bibanza bitamenyerewe kubonwamwo umugore yambaye hijab - nko mu mazu y'imyimenyerezo ngororamubiri (gym), mu kabare canke ku musi mukuru. Ati: ""Ukungene abantu bakubona birashobora koko kuryana umutima"". Kandi rero ibi bivugwa na benshi mu bagore b'aba-Islam batari bake - mu gihe hijab ari ikintu abantu bagiye kubona gusumba uko vyari bimeze muri kahise. Ni zo mpungenge zatumye Wafa, n'aho asanzwe atanambara uwu mwitwikiro, akurikirana cane urubanza. Ati: ""Naho noba ndi ku kazi, ndambara ama ecouteurs kugira ngo nkurikirane ingene urubanza ruriko ruragenda"". Afise amakenga ku kungene ibi bizogira ingaruka ku ncuti n'abagenzi basanzwe bambara uwu mwitwikiro"". ""Uranyambuye hijab yanje, none hakurikira iki? Izina ryanje riracari iry'icarabu. None nzotegerezwa kurihindura kugira ngo unyubahe""?" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60494411 +religion Vatican yahinduye amategeko mu ntumbero yo guhasha ihohotera rishingiye ku gitsina "Papa Francis yahinduye amategeko ya Ekleziya Katorika kugira ngo ahashe mu buryo bweruye ihohoterwa rishingiye ku gitsina. Izi mpinduka mu mategeko mpanavyaha nizo za mbere zikomeye mu kiringo c'imyaka hafi 40. Aya mategeko mashasha ategeka ko ihohoterwa rishingiye ku gitsina, kwosha abana bato mu ntumbero yo kugira imibonano mpuzabitsina nabo, gutunga amareresi y'ubusambanyi bukoresha abana hamwe no guhishirira ihohotera rishingiye ku gitsina ko ari ivyaha bihanwa n'amategeko ya Vaticano. Papa avuga ko imwe mu ntumbero ari ""kugabanya igitigiri c'ibi vyaha aho... igihano wasanga kigizwe ibanga ry'abategetsi"". Integuro y'izi mpinduka mu mategeko ya Ekleziya yafashe imyaka 11 mu baziteguye hakaba harimwo abahinga mu mategeko ya Ekleziya hamwe no mu mategeko mpanavyaha. Kuva mu myaka ya vuba, Ekleziya Katorika irahanzwe n'ibibazo indiri n'indiri vy'abapatiri bagirizwa ihohotera rishingiye ku gitsina muri kahise mu mpande zitandukanye z'isi, abategetsi bakuru b'Ekleziya nabo bakabakingira ikibaba. Abakorewe ibi vyaha hamwe n'abanegura Ekleziya bamaze imyaka mirongo bidoga, bavuga ko amategeko yahahora yari yataye igihe, ko yari yakozwe mu ntumbero yo gukingira ababikora kandi ko atari atomoye. Aya mategeko mashasha aje gusubirira impinduka za nyuma zikomeye zari zakozwe na Papa Yohani Paulo wa II (Jean-Paul II) mu 1983. Ashizweho kugira ngo yerekane neza ingingo nyazo kandi zihariye zitegerezwa gufatwa, akanategeka abasenyeri gufata ingingo hagize uwubitura. Aya mategeko azotangura gushirwa mu ngiro kuva ku wa 08 z'ukwa cumi na kabiri uno mwaka. Abuza kandi ukwatira abagore mw'ibanga ry'ubusaserdoti, gufata amajwi y'abirega hamwe na ruswa. Itegeko rya Vaticano ubu riremera ko abakuze co kimwe n'abana bashobora gukorerwa amabi n'abapatiri bakoresha ububasha bafise. Imbere y'aho, Ekleziya yemera ko abantu bakuze bashobora kwemera canke bakanka kubera imyaka y'abo, ntiyigeze yiyumvira ko n'abakuze nabo nyene bashobora gukorerwa ayo mabi, cane cane iyo abashaka kuyabakorera babafiseko ububasha. Iri tegeko rivuga ko umupatiri ashobora gukurwa ku mabanga mu gihe akoresheje ""inguvu, iterabwoba, canke ububasha bwiwe"" mu kwishora mu busambanyi. Ku ncuro ya mbere, abalayike (laïcs/laypeople) bafise amabanga muri Ekleziya, na bo nyene barashobora guhanwa ku vyaha vy'ihohotera, nk'akarorero kwirukanwa mu kazi, kurihishwa ihadabu canke bakavanwa mu miryango y'abihebeye Imana begukira. Amategeko mashasha afata nk'icaha ""ukwosha"" abana canke abakuze batishoboye mu ntumbero yo kubashuhurira mu mareresi y'ibiterasoni ku gitsure. Nibwo bwa mbere Ekleziya yemeye ku mugaragaro ko ""ukwosha"" (grooming/manipulation sexuelle) ari inzira ikoreshwa n'abasambanyi mu kurondera guhohotera no gusambanya abantu. Iri tegeko kandi ryakuyeho ububasha bwahora buhabwa abategetsi bakuru ba Ekleziya bwo gukingira ikibaba abapatiri bagirijwe ico caha. Ubu, uwo ari we wese azokora ibi azoshobora kwagirizwa urwangara kubera yananiwe no gukora amatohoza hamwe no guhana abasambanya abandi. Musenyeri Filippo Iannone arongoye igisata ca Vaticano gihagarariye izi mpinduka, avuga ko habaye ""ugufata minenerwe birengeje urugero amategeko mpanavyaha"", aho rimwe na rimwe impuhwe ari zo zashirwa hejuru y'amategeko. Kuva atanguye amabanga mu 2013, Papa Francis yakoze ibishoboka vyose kugira ngo ahangane n'ibirego vy'ihohotera rishingiye ku gitsina vyagirizwa abapatiri Mu ntumbero yo gukorera ku mugaragaro gusumba, yarayoboye inama ikomeye mu 2019 yiga ihohotera rishingiye ku gitsina ryagirizwa abapadiri, anakuraho itegeko ritabonwa kumwe ryategeka abarongoye Ekleziya kugumya ibanga. Imbere y'aha, muri Ekleziya ivyaha vy'ihohotera rishingiye ku gitsina vyagumijwe mw'ibanga, mu vyafatwa nk'utwigoro two kugumiriza ibanga ababikorewe, no gukingira icubahiro c'abagirizwa kubikora. Abayinegura bavuga ko bamwe mu bakuru ba Ekleziya bakoresheje nabi iryo tegeko kugira ngo bakwepe gukorana n'igiporisi mu manza zijanye n'ivyaha vy'ihohotera." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57326735 +religion Impirimbanyi zisaba ko kubaga igitsina mu gusubizaho ubusugi bibuzwa n'amategeko "Izo mpirimbanyi zisaba zishimitse ko Leta ishirako itegeko ribuza kubaga abakenyezi babasubizako ubusugi. Abakenyezi benshi bo mw'idini rya Islam bahakwa guharirwa ivomo canke n'ukwicwa bakicwa, iyo abagabo babo canke imiryango yabo imenye ko basambanye imbere yo kwubaka ingo zabo. Bamwe barafata umugambi wo kwivuza, aho abaganga babasubirizako ince bagasubira kuba ""amasugi"". Ariko hari amakenga ko kubibuza bishobora gutuma abakenyezi bo mw'idini rya Islam baja kwa muganga mu kinyegero ari benshi. Amategeko y'uburongozi agenga ukuntu umurwayi yemererwa kuvurwa ashobora kugira ico akemwa bishitse uwikekwa akaba yipimishije ku gahato canke yapimishije ku nguvu uwundi muntu. Kubaho mu bwoba Halaleh Taheri, yatanguje ikigo c'abakenyezi bo mu burasirazuba bwo hagati, yabariye igisata ca BBC bita BBC News yuko umunyeshule wo muri Maroke aba mu gisagara ca Londres, yinyegeje inyuma yo kubwirwa ko se wiwe yari yahemvye umuntu amwica. Inyuma yo kuza mu Bwongereza kwiga mu 2014, uyo mukenyezi ubu afise imyaka 26, yararonse umugabo, baca barabana. Ariko inyuma yo kubona ko imigenderanire hagati yabo itakiri myiza, se wiwe yaciye amusaba gusubira muri Maroke aho yamujanye mu bitaro kugira arabe ko yatakaje ubusugi, aca asanga ince zaraciwe. Yahungiye mu Bwongereza ariko ubu abayeho mu bwoba bw'uko se wiwe ashobora kurondera aho atuye. Umukenyezi yavukiye muri Maroke, afise imyaka 40, yabariye BBC ko inyuma yo kubagwa kugira bamusubirizeko ince, vyamaze amaseconda 20 gusa, akavuga ko atibaza ko yohimiriza abana biwe ngo babikore nk'uko yabikoze. Yagize ati: ''Sinzopfa na gato ndabakoreye ibintu nk'ivyo. Nzobigisha kubaho bafise ubwisanzure''. Amatohoza yakozwe n'ikinyamakuru Sunday Times yerekana ko muri iki gihe hari ibitaro 22 vy'abigenga bibaga abakenyezi bikabasubiriza ku bitsina uduhimba twerekana ubusugi, bita mu kirundi ince. Bisaba amafranga ari hejuru y'ibihumbi 3 vy'ama pound ku mukenyezi umwe, mu gikorwa kimara hafi isaha imwe. Abo bakenyezi bavugako ibitaro nk'ivyo biriko bironka inyungu ku bantu bo mw'idini rya Islam kubera ubwoba bujanye n'ingaruka zova ku gusanga hari agahaze mw'ijoro ryo ku musi w'ubugeni. Igikorwa giteye ubwoba Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, Matt Hancock, agiye kugira ''amatohoza kugira iki gikorwa giteye ubwoba gihagarare'' ariko igisata kijejwe amagara y'abantu canse kugira ico kivuze ku kuntu kubuza ibi bintu vyoshirwa mu ngiro ku nguvu. Ariko umukenyezi Taheri yavuze ko abakenyezi bashobora n'ugupfa iki gikorwa gihagaritswe hadashizweho ingene bitaho abahora bajayo. Khalid Khan, umwigisha wo muri Kaminuza y'ivy'ubuganga, London School, yashize ku mugaragaro ubwambere uburyo iki gikorwa kiba, yavuze ko kubuza ibi bikorwa atariyo nyishu nziza. Mugihe amakuru ameze neza yari yabonetse ku bagwayi, ingingo zishoboka n'uko boreka abakenyezi bazwi bakabikorerwa. Ndemeza ko intumbero y'abaganga ari ugukingira abantu bakoresheje ubwenge, kugira abagwayi ntibahohoterwe. Ariko muganga Naomi Crouch aserukira ikigo co mu Bwongereza kijejwe ingwara z'abakenyezi, ku bana n'abayabaga, ababajwe n'abakenyezi hamwe n'abigeme bahimirizwa kuja kwa muganga ku bintu bidafise inyungu n'imwe mu bijanye n'amagara. Avuga ati: ''Ibikorwa vya muganga vyerekanwa n'amategeko yashizweho n'ikigo kigenzura abaganga n'ubuvuzi, GMC'. ""Twebwe nk'abahinga bo kwa muganga tugengwa n'ibanga ryo kutagirira nabi abarwayi kandi ingingo ziteye kubiri n'aya mategeko zikurikirwa n'amatohoza hamwe n'ukubicungera neza."" Colin Melville, umuyobozi ajejwe imiti akongera akaba n'umuyobozi w'igisata c'indero hamwe n'ibikwiye kugorwa mu kigo GMC yavuze ko ari ngombwa kubona ubushobozi buke n'imibereho abarwayi bakeneye, ubwambere. Agira ati: ''Ariko bishitse umurwayi agashirwako agasugerezo ko gufata ivyigwa ka naka, ntavyemera bivuye ku gushaka. ""Ariko iyo abaganga babonye ko umwana canke umuyabaga adakeneye umuti uhindura umubiri, ntibashobora kuwumushirako''. Ariko ubundi buryo bwo kubaga ibitsina biciye ku kubihindura, nko kugira igitsina gito canke kinini, benshi baguma babikoresha na cane cane abakenyezi bato, bavuye mu migwi minshi yo mu Bongereza. Impirimbanyi zivuga ko bitazwi neza nimba kwivuza mu buryo nk'ubwo bigira akamaro inyuma y'igihe kinini kandi abakenyezi bafise amakenga ajanye n'ubufasha baronka buhagaze ku kubarinda ihahamuka imbere y'uko bemera kubagwa. Taheri yavuze ko abo bakenyezi ku rugero rumwe ntakundi bibona atari igikoresho gikundwa, ahukubonwa nk'abantu. Ku bakenyezi b'abagore b'aba Islamu, ibi rero kubona vyabonetse bibatera isoni kandi bigiye gutuma bagira ubwobwa bw'ibihano. Ku bandi bigabanije ukunezerererwa imibiri yabo, bigakaburwa n'uko ikibano kibabarira ko ari ibisanzwe." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-51269527 +religion Papa Francis avuga ko ashigikiye ko abasangiye ibitsina 'bemerwa imbere y'amategeko' "Papa Francis avuga ko yiyumvira ko abubakanye basangiye ibitsina bakwiye ""kwemerwa imbere y'amategeko"". Yashikirije aya majambo ateye kubiri n'amategeko ya Vaticano n'abamuboneye izuba, mw'ireresi yateguwe na Evgeny Afineevsky. Muri iyi reresi yasohotse ubwa mbere kuri uyu wa gatatu, avuga ati: ""Abaryamana basangiye igitsina bafise uburenganzira bwo kuba mu muryango. ""Ni abana b'Imana kandi bafise uburenganzira bwo kugira umuryango. Nta n'umwe akwiye gutabwa canke ngo agirirwe nabi kubera ico. ""Ico tugomba gushiraho ni itegeko ribaha uburenganzira bwo kubana. Gutyo bakaba bakingiwe n'amategeko"". Avuga kandi ko ""iki arico ahagazeko"", aha akaba asa n'uwushaka gufatira ku gihe yari musenyeri mukuru wa Buenos Aires, n'aho yarwanya abubakanye basangiye igitsina imbere y'amategeko, yarashigikiye ko abubakanye basangiye igitsina bakingirwa n'amategeko. Hampande y'ivyo avuga ku bijanye n'ukwemerewa imbere y'amategeko, iyi reresi imwerekana ari mu rusengero ariko atera intege abagabo babiri babana basangiye ibitsina kurera abana babo. Aya majambo avuguruza amajambo yagiye ashikiriza muri kahise ku bijanye n'uburenganzira bw'abahuza ibitsina babisangiye. Mu 2013, mu gitabo On Heaven and Earth (Mw'ijuru no kw'isi), Papa yavuze ko gufata ku rugero rumwe ubugeni bw'abahuza ibitsina babisangiye n'ubw'abubakanye badasangiye ibitsina ko kwoba ari ""itituka ry'imico ya kiremwamuntu"". Yavuze kandi ko mu gihe ababana bahuje ibitsina bokwemererwa kurondera abo barera ""bishobora kugira ingaruka ku bana ... umuntu wese akeneye se w'igitsinagabo na nyina w'igitsinagore bashobora kumufasha kwitahura no kwiyubaka"". Umwaka wakurikiye, vyavuzwe ko Papa Francis yashikirije, mu kiganiro, ko ashigikiye y'uko amategeko yemerera abasangiye igitsina kubana, ariko abajejwe kumenyesha amakuru mu biro iwe bakaba barabihakanye. Niho rero mu 2018, Papa Francis yavuze ko ""arajwe ishinga"" n'abaryamana n'abo basangiye ibitsina mu bapadiri, kandi ko ""ari ikibazo gikomeye""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54630578 +religion Eritrea yarekuye ivyabona vya Jehovah 28 Igihugu ca Eritrea carekuye abayoboke 28 b'idini ry'ivyabona vya Jehovah inyuma yo kurangiza igipfungo cabo. Mu 1994 abayoboke b'iryo dini bose baratswe ubwenegihugu, abakurikira iryo dini bose barahigwa buhongo barapfungwa ata rubanza baciriwe. Kimwe mu vyo bagirizwa kwari kwanka kuja mu myimenyerezo ya gisirikare. Itangazo ry'ivyabona vya Jehovah rivuga ko abayoboke baryo bavuye mw'ibohero muri Eritrea inyuma yo kurangiza igipfungo kiri hagati y'imyaka itanu na 26. Bamwe bapfunzwe bazira kwanka ibitajanye n'ukwemera kwabo - mu gihugu kuja mu myimenyerezo ya gisirikare ari itegeko. Iryo shengero rivuga ko abandi bayoboke baryo 24 bakiri mw'ibohero. Mu 1994 Prezida Isaias Afwerki yatse ubwenegihugu ivyabona vya Jehovah - haciye umwaka umwe abaye umukuru w'ico gihugu cari gihejeje kwikukira. Eritrea ni kimwe mu bihugu bitwaza umukazo kw'isi - nta matora canke inama nshingamateka bibayo, kandi integuroy'ibwirizwa shingiro ntirigera ishirwa mu bikorwa. Amashengero atatu yonyene ni yo yemewe - abakirisu b'abaOrthodoxe, aba Islam b'aba Sunni hamwe n'aba Luther. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55226993 +religion Katolika mu Burundi isabwa kutagira aho yegamiye nayo yishura ko izovuga ukuri "Leta y'u Burundi irasaba abarongoye Ekleziya Katolika ko batokwerekana aho bahengamiye muvya politike mu nyigisho batanga muri kino kiringo Uburundi bwitegurira amatora ya 2020. Mw'ijambo yashikirije mu birori vy'uguhimbaza umunsi mukuru wa Assomption kw'izina rya Leta ejo ku wa gatanu i Mugera, umukuru w'inama nshingamateka y'Uburundi asaba abarongoye Ekleziya Katolika kuguma hagati na hagati. Ekleziya Katolika yoyo ivuga ko ishikiriza ijambo ry'Imana uko riri. Pascal Nyabenda, umukuru w'inama nshingamateka avuga ko werekanye aho uhengamiye muvya politike biratsitaza abakristu. Avuga ati: ""Umwe wese hano arafise ikiri ku mutima, mugabo iyo tuje mw'isengero twipfuza ko twumva ijambo ry'Imana riduhumuriza, ibisigaye vya politike bihurira hirya no hino turafise iyo tuvyumvira"". Yishura ku vyari bihejeje gushikirizwa, Umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi yamenyesheje ko bazovuga ijambo ry'Imana uko riri ata gucisha iruhande. Musenyeri Yohakimu Ntahondereye ati: ""Kubera rivuga ukuri, ijambo ry'Imana hari aho rigera rikababaza, rikamera nka wa mugera w'ukumena igihute, kandi ntidushobora gucisha iruhande"". Mu kwezi kwa gatandatu kw'uno mwaka, umukuru w'umuryango wa Afrika w'ivugabutumwa wasavye ko amashengero atosubira kwigisha ubutumwa bujanye na politike mu Burundi mu gihe bitegurira amatora ya 2020. Uwurongoye iryo shirahamwe, Aime Pascal Nduwimana, yavuze ko ubutumwa nk'ubwo butuma abantu babura ico bafata n'ico bareka, bamwe bakabona ""umengo mw'isengero habaye nko muri permanance mu mugambwe"". Ishengero Katolika ryoryo rivuga ko mu gihe ryemewe n'amategeko mu Burundi rifise uburenganzira bwo kwigisha ijambo ry'Imana nk'uko risanzwe ribigira, ariko rikajana n'ibihe abantu barimwo. Umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi, Musenyeri Joachim Ntahondereye, yabwiye BBC ko bigisha ijambo ry'Imana ariko rikajana n'ibihe abantu barimwo." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49372005 +religion Jerusalem: Abayahudi biyambika nk’aba Islam ngo bashobore gusenga Bamwe mu ntagondwa z’Abayahudi bavuga amayeri bakoresha ngo binjire muri iyo sengero Al-Aqsa, rya mbere mu kwemera kwabo. Aba Islam bo babona ko ari agasomborotso, muri ico kibanza kiza ubwa 3 mu kwemera kwabo. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60358841 +religion Covid19-Kenya: Musenyeri Peter Ambuka yanebaguye prezida Uhuru Kenyatta "Inyuma y'imisi mike reta ya Kenya ihagaritse uruja n'uruza mu ntara zitantu mu ntumbero yo gutuza coronavirus, umuvugabutumwa w'i Nairobi yanebaguye prezida Uhuru Kenyatta kuri iyo ngingo. Musenyeri Peter Ambuka wo mw'ishengero Pefa mu karere a Kahawa West yavuze ati:""Wewe prezida n'abo muri kumwe muri politike ni mwe mukwiye kubazwa ivyerekeye iyaduka ry'ubwo bwoko bushasha bwa coronavirus."" Yongeyeko ko abanye Kenya benshi bagiye kumeregwa nabi kubera ""ingingo zabo zagiye zirafatwa zitihwejwe neza"". Musenyeri Ambuka avuze ati:""Mwabandanije kubaho mu buzima bwanyu bwiza mwifashishije amakori tudasiba gutanga n'igihe tuba twakaje ubuzi."" Yavuze ko igihe ibiharuro vy'abandura vyagabanuka mu mpera z'umwaka uheze, Prezida Kenyatta n'umukuru w'abatavuga rumwe na reta Raila Odinga baciye batangura isekeza ryo guhindura ibwirizwa shingiro, ryakoranya abantu benshi. Icegera ca Prezida William Ruto, yiyamiriza ko ibwirizwa shingiro rihinduka na we yarakoze amakoraniro. Vyabaye ibintu ""bikomeye bikwiragiza ivyo ngwara, nk'uko Ambuka abandanya abivuga. Uwo musenyeri kandi avuga ko ingingo zishasha ziherutse gushirwaho na prezida zidakwiye zisa n'izishaka kugumiza abanye Kenya mu mazu no mu mukwabu. Yavuze ati:""Isekeza ryo gupima no kwikingira ni ryo rishobora gutuma dusubira mu buzima busanzwe."" Muri Kenya abantu bamaze kugwara Covid-19 barenga 130.000, abarenga 2,000 bakaba bamaze gupfa. Mu ndwi iheze, ishirahamwery'abaganga ryavuze ko ibitanda vyuzuye mu bibanza bakiriramwo indembe, vyinshi bikaba vyarimwo abagwayi ba Covid-19." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-56564792 +religion DRC: 29 baciriwe urwo gupfa ku ruhara bagize mu migumuko ya Eid el Fitr yabaye ku wa kane Abantu 29 baciriwe urwo gupfa mu rubanza rw'abagize uruhara mu migumuko yabaye ku wa kane ku mugwa mukuru wa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Kinshasa igihe aba Islam bari baramutse bahimbaza Eid el Fitr. Umuporisi umwe yarishwe abandi batari bake barakomereka mu mishamirano yadutse hagati y'impande zibiri zitavuga rumwe mw'idini rya Islam. Bari bakoraniye hamwe kugira ngo bahimbaze umusi mukuru urangiza ukwezi kweranda kwa Ramadhani, ariko ntibumvikana ku wari kurongora ibirori. Aba bagiye kumara ubuzia bwabo bwose bapfunzwe kubera igihano c'urupfu kitakibaho muri iki gihugu. Muri iyi migumuko, abantu 31 nibo barengukishijwe, 29 nibo baciriwe urwo gupfa, babiri nabo bacirirwa umunyororo w'imyaka itanu. Uru rubanza rwamaze ijoro ryose rwerekanywe ku mboneshakure. Abategetsi bavuga ko mu baporisi bakomeretse harimwo abababaye cane n'ubu bakaba bakiremvye. Hari abafise amakenga kuri uru rubanza bafatiye ku kungene rwihutishijwe, bakibaza ko ubutungane butakoze neza. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57127497 +religion Kardinali Pell avuga ko ivyiyumviro vyiwe vy'uguharanira imico ya Ekleziya vyatumye yankwa "George Pell, umukardinali wo muri Australia yari yaciriwe gupfungwa kubera ivyaha vyo gushurashuza abana ariko aza kwezwa n'ubutungane muri uyu mwaka, avuga ko ivyiyumviro vyiwe vyo guharanira iyubahirizwa ry'imico ya gikristu vyatumye abantu bamwanka. Uyu mukardinali w'imyaka 79 yabwiye BBC ko ata nkeka ko ukuvuga atarya umunwa hamwe n'ivyiyumviro vyiwe ku bibazo bitari bike, nk'ibijanye no gukorora inda, biri mu vyatumye haduka icuka kibi. Uyu mu kardinali yahoze ari umunyabigega ku cicaro ca Papa i Vaticano avuga ko ibi vyiyumviro vyiwe vyerekana aho ahagaze adashobora kubisabira imbabazi. Urubanza rwiwe rwarahungabanije Ekleziya Gatolika. Uyu mu kardinali, yahoze ari umwe mu bahanuzi bakomeye ba Papa kandi akaba yagumye avuga ko ataco yiyagiriza, yagiye kuva i Vaticano mu 2017 asubira mu ntara yiwe y'amavuko ya Victoria kugira abandanya urubanza rwiwe mu butungane. Mu kiganiro ca mbere ciwe cacishijwe mu binyamakuru mu Bwongereza, Kardinali Pell avuga ko adashobora gusaba imbabazi ku vyiyumviro vyiwe vyerekana aho ahagaze ku mico ya Ekleziya, ariko akaba yarasavye imbabazi ""incuro nyinshi"" ku vyaha vy'ugushurashuza abana vyakozwe n'abarongoye Ekleziya. Yabwiye Radio 4 ya BBC ati: ""Nibaza ko ikibabaje abantu benshi ari uko mvuga ntarya umunwa iyo ndiko ndarwanira inyigisho za Ekleziya"". ""Ku bijanye n'aho mpagaze bishingiye ku kwemera kwanje, sinshobora kubisabira imbabazi"". Abajijwe ku bana bakorewe aya mabi n'ico yibaza ku ngaruka bishobora kubagirako mu buzima, Kardinali Pell avuga ko azi ""neza umubabaro barimwo"". Avuga ko n'aho yababajwe n'ivyabaye muri Ekleziya, nta mutima wigeze usimba ngo arare adasinziriye. Ati: ""Ndababajwe n'umubabaro uri mu bantu benshi, ariko kandi ndishimiye utwigoro twagize muri Australia mu myaka irenga 25 - n'aho tudahagije nk'uko twategerezwa kungana"". Kardinali Pell agereranya ibihe yamaze mw'ibohero n'ivyo yamaze mw'iseminari, aho iyi myimenyerezo y'ukwitegurira ubupatiri yarangwamwo n'ibihe bigoye vy'agacerere n'ukwitandukanya n'abandi. Uyu mutegetsi muri Ekleziya Gatorika wo muri Australia, yaramenyekanye cane nk'uwuharanira imico ya Ekleziya Gatorika, akenshi akarwanya impinduka kandi agaharanira ubwerentegerwa bw'abapatiri; Yatumweko i Roma mu 2014 kugira ngo atunganye ikigega ca Vaticano, akaba yafatwa nk'umutegetsi wa Ekleziya agira gatatu. Yakuwe muri ayo mabanga mu 2017 kugira ngo yisigure ku vyaha vy'uko yafashe ku nguvu abaririmvyi babiri b'abahungu igihe yari Musenyeri mukuru wa Melbourne. Mu kw'icumi na kabiri 2018, yaragiriwe n'ibi vyaha vyo gusambanya aba baririmvyi babiri b'abahungu bari bafise imyaka 13 mu myaka ya1990. Niwe mutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru muri Ekleziya Gatorika yari yagiriwe n'iki caha. Sentare yumvirije umugabo umwe yavuga ko ari we yari akiri muzima mu bakorewe ayo mabi. Hari ibindi vyabona bitari bike vyagiye bitanga ivyemezo. Kardinali Pell yarunguruje urubanza muri sentare y'iyungururizo ya Victoria mu mwaka uheze, ariko abacamanza baranse kwisubirako. Sentare nkuru ya Australia yarasambuye urwo rubanza mu kwa kane uno mwaka, ihagarika umunyororo w'imyaka itandatu yari yaciriwe. Igihe yungururiza muri iyo sentare nkuru, uyu mutegetsi muri Ekleziya yavuze ko abacamanza bisunze ahanini ibirego vy'umwe mu bakorewe ivyo vyaha akiri muzima. Abamuburanira ntibashatse kubeshuza ivyo birego, ariko bakavuga ko bategerezwa kwiga n'ivyo bindi vyemezo . Iyo sentare igizwe n'abantu indwi yahavuye imweza, mu ngingo yayo ikaba yavuze ko hari ""ibindi vyemezo vyerekana ko uwagirizwa ashobora kuba atavyo yakoze"". Ico gihe, Kardinali Pell yavuze ko akarenganyo ""gatorewe umuti"" kandi ko ata nzigo afitiye uwamwagirije. Yabonanye na Papa Francis mu kw'icumi, bukaba bwari bwo bwa mbere abonanye nawe kuva sentare imukuyeko ico caha." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55384322 +sports Chelsea: Roman Abramovich avuga ko agiye kugurisha uyu murwi "Nyene umurwi wa Chelsea Roman Abramovich avuga ko ategura kuwugurisha. Mw'itangazo ryacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Premier League (ihiganwa ry'Ubwongereza), uyu mugwizatunga Abramovich avuga ko vyabaye ngombwa ko afata ""iyi ngingo itoroshe"" kandi ko imubabaje. Uyu Murusiya ntazorondera gusubizwa ""ingurane izo ari zo zose yahaye uyu murwi"" akavuga kandi ko ibizova mw'iri gurishwa bizofashishwa abazoba bagizweko ingaruka n'intambara. Ku wa gatandatu, Abramovich yari yatangaje ko yagomba ashire mu minwe y'abajejwe ubugiraneza ""uburongozi bw'uyu murwi"" inyuma y'igitero Uburusiya bwakoze kuri Ukraine. Ibi vyatumye haba abenshi babona ko Abramovich - yari yaguranye uyu murwi amafaranga y'Ubwongereza (Pound/£) arenga imiriyoni 1.5 - yashobora kugurisha uyu murwi, umutunzi ruhebwa Hansjorg Wyss akaba yabwiye ikinyamakuru Blick co mu Buswisi ejo ku wa gatatu ko ari mu bahawe amahirwe yo kugura uyu murwi. Wyss avuga ko Abramovich ashaka ""kwikurako Chelsea vuba bwango"" inyuma y'aho bamwe mu nama nshingamateka y'Ubwongereza basabiye ko yofatirwa ibihano. Abramovich w'imyaka 55 avugwa ko ari incuti ya hafi cane na Perezida Vladimir Putin, ivyo wewe ahakana. BBC Sport yamenye ko Abramovich amaze kuronka abamwegera bamusaba kugura Chelsea kandi ko ashira uyu murwi ku kiguzi c'imiriyaridi zirenga zitatu z'ama-pound. Mw'itangazo ryiwe, Abramovich avuga ati: ""Namye mfata ingingo mfise ku mutima ineza y'uyu murwi. ""Muri iki gihe, nafashe rero ingingo yo kugurisha uyu murwi, kuko nibaza ko iyi ari yo neza nyamukuru y'umurwi, y'abafana, y'abakozi, hamwe kandi n'abasanzwe bayifata mu mugongo. ""Igurishwa ry'uyu murwi ntirizokwihutishwa, ariko rizokurikiza amategeko. Sinzohava nsaba ngo bansubize ingurane. ""Nategetse abantu banje gushiraho ishirahamwe ry'ubutabazi rizocishwamwo ibizova muri iri gurishwa kugira bifashishwe abo bizoba bigenewe. Iri shirahamwe rizofasha abagizweko ingaruka n'intambara yo muri Ukraine"". BBC Sport yamenye ko abajejwe ibikorwa vy'ubugiraneza muri uyo murwi batari bwemere kuwufata mu minwe, kandi ko batazohava basabwa kwakira aya mabanga. Abramovich yaraneguwe kubera mw'itangazo rya mbere ryo ku wa gatandatu atigeze ashiramwo ibijanye n'igitero c'Uburusiya muri Ukraine. Abakinyi ba Chelsea ntibamenyeshejwe imbere y'igihe ibijanye n'iri tangazo rishasha rya nyene umurwi, ryasohowe hasigaye ikiringo kiri musi y'isaha ngo uyu murwi uhure na Luton Town mu rukino rw'igice ca gatanu gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe ca FA. N'aho mu ntango wabanje guterwa ibitsindo, uyu murwi wa Premier League warivyukiranije maze utahukana intsinzi ya 3-2 yawuhaye uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kane gishira ica nyuma. Abramovich yaguze Chelsea mu 2003 ku miriyoni 140 z'ama-pound, mw'itangazo ryiwe akavuga ko atari yayiguze ""ku nyungu z'urudandazwa canke z'amafaranga, ariko kubera ugukunda umukino n'umurwi"". Hari abandi batunzi b'Abarusiya bamaze gufatirwa ibihano n'Ubumwe bwa Bulaya aho amatungo yabo yafatiriwe. Muri bo harimwo umutunzi ruhebwa Alisher Usmanov asanzwe afitaniye amasezerano y'ubucuruzi na Everton. Reta y'Ubwongereza ntirafatira ibihano Abramovich canke Usmanov, ariko umushingamateka wo mu mugambwe w'Abakozi Chris Bryant yabwiye inama nshingamateka ku wa kabiri ko Abramovich yari afise ""ubwoba bwinshi cane ko yahava afatirwa ibihano ari naco gituma agiye kugurisha inzu yiwe abamwo ejo [ku wa gatatu], co kimwe n'iyindi nzu yiwe"". Ejo ku wa gatatu, mu bibazo vyariko bibazwa umushikirangani wa mbere, umukuru w'umugambwe w'Abakozi Keir Starmer yabajije igituma Abramovich atari bwafatirwe ibihano, Boris Johnson akaba yishuye ko ""atari vyiza kuvuga ku muntu uwo ari we wese muri uno mwanya"". Umuvugizi w'uwo mutunzi arahakana ibivugwa n'umukuru w'uyu mugambwe, akavuga ko Abramovich ata caha na kimwe yakoze cotuma ahanwa. Wyss avuga kandi ati: ""Abramovich ariko aragerageza kugurisha amazu yiwe yose mu Bwongereza, be no kwikurako Chelsea vuba bwango. ""Jewe n'abandi batatu twarahawe uburenganzira ku wa kabiri bwo kugurira Abramovich uyu murwi wa Chelsea"". Umuvugizi wa Abramovich yanse kugira ico ashikirije kuri ibi bivugwa." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-60598561 +sports Diego Maradona: Umukenguzamateka wa Argentina asaba ko inoti nshasha ijako Maradona "Umukenguzamateka wa Argentine yasavye ko isanamu y'uwahoze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru Diego Maradona yoshirwa ku noti nshasha. Maradona, uyu mukinyi yari kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Argentine igihe itsindira igikombe c'isi yose mu 1986, yasandavye afise imyaka 60 mu ndwi zibiri ziheze. Ejo ku wa mbere, umukenguzamateka Norma Durango yashikirije integuro y'iri tegeko inama nshingamateka ayisaba ko isanamu y'uyu mukinyi yoshirwa ku noti y'igihumbi c'amapeso (amahera akoreshwa muri Argentine), ikaba ari yo noti nini mu gihugu. Avuga ko uruhande rumwe rw'iyi noti rwokwerekana isura ya Maaradona, urundi ruhande narwo rukerekana kimwe mu bitsindo vyiwe vyabaye karuhariwe. Ikinyamakuru La Nación candika ko iyi nteguro y'iri tegeko ivuga ko izi noti ""zoba ziriko isanamu ya Diego Armando Maradona ku ruhande rumwe, ku rundi naho hakajako isanamu y'igihe yinjiza Ubwongereza igitsindo ca kabiri, muri Mexico ku wa 22 z'ukwa gatandatu 1986"". Uyu mukenguzamateka kandi asaba ko isanamu yiwe yoshirwa ku ma timbres. Umupfasoni Durango ati: ""Iki ciyumviro nticerekeye ukwibuka gusa iki gihangange cacu, ariko kandi twiyumvire no ku butunzi. Twumva ko ingenzi zogendera igihugu cacu, uko vyogenda kwose, zoshima kugenda zitwaye 'Maradona' iwabo"". Ibitsindo bibiri bikomeye gusumba ibindi vya Maradona yavyinjije Ubwongereza mu rukino rw'igice ca kane gishira icanyuma mw'ihiganrwa ry'igikombe c'isi yose. Uyu mukinyi niwe yari kizigenza w'umurwi igihe Argentine itsindira iri higanwa. Yibukirwa ku gitsindo ca mbere yinjije ""n'Ukuboko kw'Imana"" acinjiza Ubwongereza, akaza mbere n'ukwiyongera ikindi kigira kabiri. Muri ino nteguro rero, ni uko iki gitsindo kigira kabiri ari co cokwerekanwa ku noti. Umupfasoni Durango avuga ko ingingo ya nyuma izofatwa n'abashingamateka, biteze kwiga iki ciyumviro ciwe mu ntango z'umwaka uza. Uyu yahoze ari umukinyi rurangiranwa yahitanywe n'indwara y'umutima ari muhira iwe ku myaka 60 mu mpera z'ukwezi guheze. Mu ntango z'ukwezi kwa cumi na rimwe, Maradona yari yabazwe mu bwonko, akaba yategerezwa kuvurwa indwara zaturutse ku nzoga nyinshi. Mu nkino 91 yakiniye Argentine, yinjije ibitsindo 34, akaba yayikiniye mu mahiganwa ane yose y'igikombe c'isi yose." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55232780 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya 17.07.2019: Rose, Ceballos, Fernandes, Eriksen, Soares, Saliba Umukinyi wo hagati wa Real Madrid, Dani Ceballos w'imyaka 22 ari hafi gushira igikumu ku masezerano na Arsenal. (Mundo Deportivo) Umukinyi wa Tottenham na Danemark, Christian Eriksen w'imyaka 27, ni umwe mu bakinyi baronderwa na Atletico Madrid isanzwe iriko irondera umukinyi ashobora gukina hagati. (Evening Standard) Umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu wa Tottenham n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Danny Rose w'imyaka 29, ntazojana n'umurwi wiwe muri Singapour, mu gihe bivugwa ko ashobora kugurishwa. (Telegraph) Manchester United yatanze amahera menshi kugira ngo ishobore kuronka umukinyi wo hagati Bruno Fernandes w'imyaka 24 wa Sporting Lisbon. (Mirror) Barcelona iripfuza kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu, Junior Firpo w'imyaka 22 wa Real Betis, kugira ngo asubirire Jordi Alba. (Marca) Arsenal yarungitse umuganga wayo muri Brezili kugira yihweze amagara y'umusatirizi Everton Soares w'imyaka 23 asanzwe akina mu murwi Gremio, bikaba bivugwa ko yoba iri hafi gushika ku mwumvikano n'uyo murwi kugira ishobore kumugura. (Fox Sports via Metro) Umukinyi w'inyuma, William Saliba w'imyaka 18 aripfuza kwimukira muri Arsenal ariko umurwi wiwe, Saint-Etienne wipfuza kumugurisha mu bakeba bayo, Tottenham, batanze amahera menshi. (The sun) Cardiff City isa n'iyateye intambwe mu biganiro n'umurwi wa Bordeaux wo mu Bufaransa ku mukinyi Younousse Sankhare w'imyaka 29, akomoka muri Senegali, uyo mukinyi akaba atajanye na bagenziwe muri Amerika mu nkino z'ukwitegurira ihiganwa ryimirije. (Wales Online) Umukinyi w'inyuma wa Atalanta mu Butaliyano, Gianluca Mancini w'imyaka 23 ariko yitegura kwimukira mu murwi wa Roma wo muri ico gihugu ku mafaranga arenga imiliyoni 23 z'amapawundi. (Gazzetta dello Sport ) Liverpool yashize ku rutonde Andy Linergan w'imyaka 35 mu nkino z'imyiteguro muri Amerika y'Uburaruko, kubera ubukene bw'abanyegori. (Daily Mail) Ayavugwa ejo ku wa kabiri Leicester yemereye umukinyi w'inyuma wayo Harry Maguire w'imyaka 26 ko ashobora kwigira mu gihe hagati ya Manchester United na Manchester City hogira uwutanga amahera menshi gusumba ayo Liverpool yatanze ku Munyaholande Virgil van Dijk (imiliyoni 75 z'amapawundi). (Telegraph) Umusatirizi wa Paris St-Germain Neymar w'imyaka 27 yashimangiye icipfuzo ciwe c'ukuva muri uwo murwi mu mubonano yagiranye n'uwujejwe ukwinonora imitsi, Leonardo . (ESPN) Mu kiringo kitarenze indwi zitatu ziri imbere, Manchester United iriteguye gutanga amahera ku murwi Sporting Lisbon kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wawo wo hagati Bruno Fernandes w'imyaka 24 (Independent). Arsenal iracari mu biganiro n'umurwi Celtic kugira ngo ishobore kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu, Kieran Tierney, inyuma y'aho uwo murwi wankiye igiciro kigira kabiri c'imiliyoni 25 z'amapawundi yari yatanze. (Evening Standard) Arsenal kandi ntizoshobora kuronka umukinyi wo hagati w'umurwi Lyon akomoka mu Burafansa, Nabil Fekir w'imyaka 25, kubera vyanse ko igurisha Mesut Ozil afise imyaka 30. (L'Equipe, via Sun) https://www.bbc.com/gahuza/imikino-49014611 +sports Lionel Messi: Kizigenza wa Barcelone yipfuza kuzokina muri US "Kizigenza wa Barcelone, Lionel Messi avuga ko yipfuza ko umusi umwe yokina muri Amerika ariko ko azomenya kazoza kiwe amasezerano afitaniye n'uwo mugwi arangiye mu kwezi kwa gatandatu. Uwo munye Argentine w'imyaka 33, ashobora gutangura ibiganiro n'iyindi migwi mu kwezi kwa mbere. Ibihuha kuri kazoza kiwe ni vyinshi kuva igihe asabiye kuva muri uwo mugwi mu kwezi kw'umunani. Messi yabwiye imboneshakure yo muri Espagne ya Sexta ati:""Ubu sindamenya ico ngiye gukora."" ""Ngiye kurindira gushika uwu mwaka uhere. Nari nipfuza gukina muri Amerika, mpindure ubuzima nje no mu rindi higanwa rya hariya, ariko ngaruke I Barcelone ndabishoboye. ""Ubu ikintu gihambaye cane n'ukwitaho umugwi, duheze uyu mwaka neza, n'ugushira inguvu mu kugerageza gutwara ibikombe, tukareka gusamazwa n'ibindi bintu."" Umugwi wa Barcelone utatwaye n'igikombe na kimwe mu mwaka uheze, ugira uwa gatanu mw'ihiganwa ryo muri Espagne, inyuma yo gutangura nabi ihiganwa mu myaka 33. Kuva agiye muri uwo mugwi afise imyaka 13, Messi ni we amaze gutsindira ibitego vyinshi uwo mugwi, atwara ibikombe 10 vy'ihiganwa ryo muri Espagne, bine vy'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa buraya, hamwe n'umupira w'inzahabu - uhabwa umukinyi wa mbere mwiza kw'isi - incuro 6. Ugusaba kwiwe kuva muri uwo mugwi wa Barcelone mw'ici riheze, kutabonwa kumwe na bose, kwatumye haba uguterana amajambo n'uwatwara uwo mugwi ico gihe, Josep Maria Bartomeu, yatanze imihoho mu kwezi kw'icumi. Messi yavuze ko intwaro ya Bartomeu cari ""ikiza"". Yongeyeko ati:""N'ibihe bigoye ku mugwi, ku muntu uwo ari we wese, ariko abari hagati mu mugwi barazi ko ari igihe kigoye cane, ibintu vyifashe nabi kandi bizogorana kugarukana umugwi aho wahora.""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55466764 +sports Aho Chelsea itsindiye Champions League, Mason Mount ati 'turi umurwi wa mbere ukomeye kw'isi' "Mason Mount arashimagiza Chelsea aho avuga ko ari wo ""murwi wa mbere ukomeye kw'isi"" inyuma y'aho aba Blues bakubitiye Manchester City mu rukino rwa nyuma rwa Champions League. Umukinyi w'imbere w'umudagi Kai Havertz niwe yinjije igitsindo kimwe rudende c'urwo rukino rwa nyuma rwakiniwe i Porto muri Portugal cahaye itsinzi igira kabiri aba Blues (izina rihabwa umurwi wa Chelsea) muri iryo higanwa yatsindiye ku ncuro ya mbere mu 2012. Mu ntango z'uyu mwaka w'inkino urangiye, City yatanguye gukina irondera gutwara ibikombe bine vyose mu mwaka umwe, ariko rero Chelsea ikaba yabanje kuyihumira mu gikombe c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza (FA Cup). Mount ati: ""Turi muri finale kandi twayitsindiye. Ni iteka ridasanzwe"". Uyu mukinyi Mount wo hagati, ari nawe yatanze umupira wavuyemwo iki gitsindo, yabwiye ikinyamakuru c'inkino BT Sport ati: ""Si mbona amajambo nokoresha. Sindavyumva. Narakinye inkino zibiri za nyuma za Chelsea zose turazitsindwa. Iki nico kintu narondera, Gutsindira igikombe muri Chelsea"". ""Mu rugendo rwose rwa Champions League twagiye dukina inkino zigoye cane. Ubu muri kino gihe, turi umurwi wa mbere ukomeye kw'isi. aho nta n'umwe ashobora kutwaka iri teka"". Mount yarashizwe ku rutonde mfatakibanza rw'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Buraya mu ci (European Championship), kandi uko vyogenda kwose azokina iryo higanwa, kumwe n'abandi bakinyi bagenziwe bakinanye muri uru rukino rwa nyuma. Yongerako ati: ""Bamwe muri aba bahungu ba City tuzoba turi kumwe kandi ndazi ko kizoba ari ikintu kitoroshe. Naraganiriye na bo, bari babikwiriye gushika hano"". ""Ntivyoroshe kuri bo ariko ndizeye ko mu mwaka w'inkino uza, tuzokora uko dushoboye kugiradushike ku kintu muri Premier League naho nyene."" Kizigenza Cesar Azpilicueta arishimira ""umusi udasanzwe, udasanzwe na gato"" akaba yabwiye BT Sport ati: ""[Kai Havertz] ntiyahahamutse. Si n'ico gusa. Afise umuvuduko udasanzwe. Nico gituma yashitse kuri ibi"". ""Nashitse hano mu 2012 inyuma y'irya ntsinzi yo muri Champions League. Naripfuza gusubira kuronka intsinzi nk'irya. Ni ibintu biryoshe cane. Umuryango wanje uri hano. Ni umusi udasanzwe, udasanzwe na gato"". Kuva ashitse i Stamford Bridge avuye muri Bayer Leverkusen mu ci riheze, Havertz ntiyorohewe, yagumye arwana kugira ashobore gushika ku rugero rwiza ariko kandi arondera kwiyubaka inyuma y'aho yanduriye Covid-19. Inyuma y'iyi ntsinzi yavuze ati: ""Narihanganye imyaka 15 yose kugira nshike hano, ico narondera ngiye ndagishikako"". Umukinyi wo ku ruhande rw'ibubamfu w'Umwongereza Ben Chilwell ni uwundi mukinyi yaguzwe n'uwahoze amenyereza uyu murwi Frank Lampard mu ci riheze. Uyu mukinyi yahoze akinira Leicester yaracitse intege mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca FA rwagiye gutsindwa n'uyo murwi yahoze akinira, aho yinjije igitsindo muri wa mwanya w'agasunuzo ariko kigafutwa, maze aba Foxes (umurwi wa Leicester) uterura igikombe. Chilwell ati: ""Uno musi twarwanye urugamba rutoroshe. Twari tuzi neza ko ari urukino rukomeye. Mu gice ca kabiri twakinye nk'abita kugira dushike muri uyu mwanya, tugire uyu munezero. Iki ni co canzanye muri Chelsea. Ni indoto yagiye mu ngiro"". ""Ica ngombwa kwari ukwitanga. Hageze igihe ndumva ko ndushe ariko iyo uriko ukina uzi ko utegerezwa gutsindira Champions League, ntavyo kuruha"". ""Buri muntu yarwanira ubuzima bwiwe. Twatsindiye igikombe ca Champions League, rero ikindaje ishinga si ingene twakinye"". Thomas Tuchel yarashoboye guhindura Chelsea inyuma y'aho asubiriye Lampard nk'umumenyereza, akaba atsindiye ihiganwa ry'imirwi rya mbere i Buraya mu nkino ziwe 30 zonyene muri uyo murwi. Iyi ntsinzi ije haciye umwaka ashikanye Paris St-Germain mu rukino rwa nyuma nyene rwa Champions League, aho yatsinzwe na Bayern Munich. Yabwiye BT Sport ati: ""Ni ukuri ni ibintu biryoshe. Twatsinze. Wow. Sinzi ingene nobivuga"". ""Ni umunezero kuri jewe kubona nshitse ubwa kabiri muri finale. Numva ndi uwundi muntu"". ""Abakinyi bari biyemeje ko bategerezwa gutsinda uru rukino. twashaka kubabera ifuri ry'igiti. Twabandanije dutera intege bose, bahagarare rugabo kugira berekane ubutwari bwabo, bongere basatire"". ""Rwari urukino rutoroshe, rw'inguvu nyinshi. Twategerezwa gufatana mu nda"". Uyu mudagi Tuchel yari yahawe amasezerano y'amezi 18 yonyene igihe ashika muri uyu murwi mu kwa mbere, kandi akaba yagiye kubonana ubwa mbere na nyene umurwi Roman Abramovich amaso mu yandi ejo urukino ruheze. Ati: ""Kumbure ngiye guhabwa ayandi masezerano kubera iyi ntsinzi. Mpejeje kuvugana na Roman ubu nyene kandi kari akanyamuneza kubona tubonanye ubwa mbere, cari igihe ciza, ariko nta wubizi kumbure cari igihe kibi, nta wuzi ko ibintu bitagiye kuba bibi gusumba"". Uwahoze ari umusatirizi wa Chelsea Chris Sutton kuri BBC Radio 5 Live ati: ""I Porto vyari bimeze neza cane, biteye ubwoba, bazibiye neza, neza cane. Chelsea yari iteye ubwoba. Ni ukuri iyi ntsinzi bari bayikwiye, iyo hoho Werner ashobora gutera ikindi, vyari kuba ibinti bintu"". ""Kai Havertz nta bintu birengeje yerekanye muri uno mwaka, ariko yashoboye gutsinda igitsindo gikomeye. Barateguwe neza bakaba bashoboye gukora ico bajejwe. Ni ikintu kidasanzwe kuri Chelsea na Thomas Tuchel. ""Umuntu yaribaza iyo azoshobora gushikana uyu murwi none raba yawushikanye ku ntsinzi ya Champions League. Iki nico gikombe Pep Guardiola yarondera ariko urabona ko atashoboye gukora uko yategerezwa muri iri joro"". Uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Manchester United Rio Ferdinand kuri BT Sport: ""Gukora nk'ivyo akoze ushitse mu murwi hagati mu mwaka ntaho bitandukaniye n'ukuba umumago (magician/magicien)"". ""Bagumye bashize hamwe, yaba umurwi canke abakinyi ku giti cabo, twagumye tubafiseko amakenga ariko uno musi bari bariye amavubi"". ""Yaraje muri kino gihugu ahura na Pep Guardiola incuro zitatu zose muri uno mwaka kandi zose yarazitsinze"". Joe Cole na we yahoze akina muri Chelsea kuri BT Sport ati: ""Jewe nari niyicariye mubafana, kuva kuri Edouard Mendy [umunyegori] gushika ku wa nyuma muri uyo murwi, bose ni incungu. ""Rwari urukino rudasanzwe na gato. Kuri jewe, aba bahungu bose ni intwari""." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-57297811 +sports Ibivugwa mu mupira w'amaguru i Buraya ku wa gatatu 03.02.2021: Messi, Neymar, Mbappe, Sancho, Alli, Hakimi "Umumenyereza wa Barcelone Ronald Koeman avuga ko ""afise ukwizera ariko atazi neza"" ko umukinyi w'imbere wa Argentine, Lionel Messi w'imyaka 33, azoguma muri uwo mugwi muri uyu mwaka. (Athletic - subscription required) Amasezerano ya Messi ya miriyoni 492£ (£:pound) bari bafitaniye na Barcelone azorangirana n'uyu mwaka, hakaba harimwo agace kamurekurira kuva muri uwo mugwi ata nzitizi mu gihe intara ya Catalogne yoronka ubwigenge. (El Mundo, via Mail) Umukinyi w'imbere wa Brezil, Neymar, w'imyaka 28, azoshira umukono ku masezerano mashasha y'imyaka ine n'umugwi uza mu kibanza ca mbere mu Bufaransa, Paris St - Geramain. (Goal) PSG yarerekanye ko ifise umugambi wo gusubira guhuza Neymar n'uwo bahoze bakinana mu mugwi Barcelone, Messi, ku kibuga ca Parc des Princes. (Metro) Ariko rero, uwo mukinyi w'imbere w'Ubufaransa, Kylian Mbappe w'imyaka 22, vyitezwe ko amasezerano bafitaniye na PSG arangira mu 2022, ntarafata ingingo kuri kazoza kiwe. (ESPN) Manchester United ishobora kuba yipfuza umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund ava mu Bwongereza Jadon Sancho, w'imyaka 20, inyuma yo gushima umukinyi wo ku ruhande wa Cote d'Ivoire, Amad Diallo, kuva aje ava mu mugwi wa Atalanta. Umukinyi w'imbere wa Dortmund wo muri Norvege Erling Braut Haaland, w'imyaka 20, hamwe n'umunyezamu wa Sevilla wo mu Bufaransa Jules Kounde, w'imyaka 22, ni bo uwo mugwi wipfuza cane. (Express) Icipfuzo ca Arsenal co kugura umunyezamu Junior Firpo wo muri Espagne w'imyaka 24, caramiriwe kure na Barcelone. (RAC1, via Metro) Uwurongoye umugwi wa Tottenham Daniel Levy yankiye umugwi wa PSG gutwara umukinyi wo hagati wo mu Bwongereza Dele Alli, w'imyaka 24, kubera igikomere afise gituma atamera neza. (Telegraph) Arsenal, Chelsea na Manchester City bose barashaka umukinyi w'inyuma i buryo wa Inter Milan, wo mu gihugu ca Maroc, Achraf Hakimi,w'imyaka 22, uyu mwaka. (Calciomercato - in Italian) Umukinyi w'imbere akiri muto wo mu gihugu ca Ireland, Sinclair Armstrong w'imyaka 17, vyavuzwe ko ashobora kuja muri Manchester City, Celtic na Crystal Palace, vyitezwe ko ashira umukono ku masezerano mashasha n'umugwi wa Queens Park Rangers. (TalkSport) Real Madrid iriteguye kugurisha umukinyi w'imbere wo muri Brezil Vinicius Junior, w'imyaka 20, uyu mwaka. (AS - in Spanish) Umukinyi w'imbere wa Arsenal wo mu Bwongereza Folarin Balogun, w'imyaka 19, ashobora kuva muri uwo mugwi akaja gukina ahandi atagisabwe gushika mu mpera z'uyu mwaka. (Express) Umumenyereza wa Leicester City Brendan Rodgers agiye kuguma acunze ko isoko ry'abakinyi risubira kwugururwa kandi. (Independent) Uwahoze akinira umugwi wa Liverpool n'Ubwongereza Daniel Sturridge, w'imyaka 31, ariko araronderwa cane n'imigwi ya MLS ariko wewe ariko arondera gusubira mu Bwongereza. (Mail) Ukinyi w'inyuma wa Marseille wo muri Croatia Duje Caleta - Car, w'imyaka 24, afise agahinda kenshi inyuma y'aho ikiringo co guhanahana abakinyi kirangiriye adashoboye kwimukira mu mugwi wa Liverpool. (Mail, via Mirror) Umugwi wa Fulham wagurishije umukinyi wawo, Aboubakar Kamara, w'imyaka 25, kw'ideni na Dijon ku musi wa nyuma wo guhanahana abakinyi, inyuma y'aho uwo mufaransa yankiye kuja mu myimenyerezo. (Mail)" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55918351 +sports FIFA yahagaritse Prezida wa CAF Ahmad imyaka itanu "Ahmad, umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (CAF), yahagaritswe imyaka itanu na FIFA kubera kurenga ku mategeko atandukanye ajanye n'inyifato nziza. Uwo mugabo asanzwe ari icegera c'umukuru w'urwego nshingwantwaro rwa FIFA, w'imyaka 60, yahamwe n'icaha co kurenga ku mategeko ajanye no kwizigirwa ku kazi, gutanga no kwakira utuganuke, gukoresha nabi ikibanza arimwo hamwe no gukoresha nabi ubutunzi bw'iryo shirahamwe. Itangazo ryashikirijwe na FIFA rigira riti: ""Amatohoza yakozwe ku nyifato ya Ahmad … kuva mu 2017 gushika mu 2019 yerekeye ibintu vyinshi bijanye n'intwaro muri Caf, harimwo itegurwa n'irihwa ry'urugendo rweranda yagize i Maka [Mecca], uruhara yagize mw'ikorana rya Caf n'ishirahamwe ridandaza ibikoresho vyo kwinonora imitsi, Tactical Steel, hamwe n'ibindi bikorwa."" Mu kwezi guheze, igisata ca BBC Sport Africa cari camenyesheje ko ihagarikwa ryiwe rishobora kuba igihe ico ari co cose. Yaciwe kandi amande y'amadolari ya Amerika 200.000. Yaramaze guhakana ko ata tegeko yarenze. Ashobora kwunguruza muri sentare ijejwe kwihweza ingorane zadutse muri 'Sport', Court of Arbitration for Sport (CAS), igihe azoba amaze kumenya neza ivyo bafatiyeko mu gufata iyo ngingo, bikaba bishobora gufata ikiringo c'imisi 60. Mu kwezi guheze, uwo yahoze arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Madagascar, yaramenyesheje ko ashaka kwitoreza ikiringo ca kabiri mu gihe amatora ya CAF ategekanijwe mu kwezi kwa gatatu. Aha hari amadidane kuri Ahmad yatorewe kurongora CAF mu 2017, kuko ategerejwe kubanza gutorera inyishu ikibazo c'isubira gutorwa, kugira abandanye amabanga yiwe mu kanama karongoye FIFA. Kugira asubire gutorwa ntibizovana gusa n'uko yatsinze urubanza mw'iyungururizo muri CAS, ahubwo n'ukuraba ko urwo rubanza rwoburanishwa hakiri kare kugira aje ku rutonde rw'abazohiganwa. Ahmad yabaye arakinjura mu mabanga yo kurongora CAF, avuga ko abitewe n''ibibazo vy'amagara' mu gihe yaheruka kugwara coronavirus, asiga icegera ciwe ca mbere, Constant Omari, ari we aramutswa iryo shirahamwe." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-55043387 +sports Iran Vs US: Kubera iki Iran yahaye amashurwe abakinyi ba Amerika mu 1998? "Na Bernd Debusmann Jr BBC News, Washington Mu gihe harangwa icuka kibi, kw’isi ibintu bimeze nabi, urukino rwaheruka hagati ya Irani na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1998 rwatangujwe n’ikimenyetso kidasanzwe – amashurwe yera. Aya mashurwe, nk’uko umumenyereza wa Irani ico gihe yabivuze, cari ikimenyetso c’amahoro imbere y’urukino rwahuje ibi bihugu mu Bufaransa. Imyaka 20 inyuma y’aha, icuka kibi carasubiye kurenga urugero imbere y’urukino rwa nijoro hagati ya Iran na Amerika muri Qatar. Hagati aho, uru rukino rwabaye ata kimentetso na kimwe c’ubugenzi. Urukino rw’imbere y’aha rwabereye muri Lyon, rwabaye inyuma y’imyaka 20 imigenderanire hagati y’ibi bihugu bibiri yarabaye nabi cane nk’inkurikizi z’iturirwa ry’ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika i Tehran mu 1979. Ryakurikiwe n’ikibazo catewe n’abanyeshure, bahagarikiwe n’ubutegetsi bwa Ayatollah Khomeini, bafashe bugwati abakozi bo muri ubwo buserukizi mu kiringo c’imisi 444. Ico gihe, ukwezi kumwe gusa imbere y’urwo rukino, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika bwise Irani ko ari co gihugu ca mbere kw’isi cafata mu mugongo iterabwoba, mu gihe abategetsi batari bake ba Irani batahengeshanya gushikiriza amajambo arwanya Amerika. N’aho icuka kibi ari co carangwa ku cicaro c’ishirahamwe ONU no mu kigobe c’Abarabu, abakinyi ba Irani - barongowe n’umumenyereza yari asanzwe aba muri California Jalal Talebi – bafashe ingingo yo gutangura uru rukino n’ikimenyetso cerekana ko ihiganwa yonyene hagati yavyo ryari iribera mu kibuga. Talebi yasubiwemwo n’imboneshakure ESPN avuga ati:  ""Twafashe ingingo yo gukora ikintu kidasanzwe. ""Reka tugende mu kibuga tubahe amashurwe aryoheye ijisho kugira ngo twerekane ko turi hano kubw’amahoro. Ntituri ng’aha ngo turwane canke dukore ikindi kintu ico ari co cose”. Mu kubasubiriza mu ndumane, abakinyi ba Amerika babahaye utudarapo tw’ishirahamwe rya Amerika rijejwe umupira w’amagugu  (US Soccer Federation, USSF). Abakinyi b’iyi mirwi yompi bari kumwe bifotoreje hamwe mw’ifoto rusangi bamwenyura imbere y’uru rukino rwari rukomeye. Muri iyo nkuru ya ESPN, Cobi Jones  yakina hagati mu murwi wa Amerika avuga ati: ""Nibaza ko kirya cari ikintu gikomeye. ""Kwari nk’ukwerekana ko inkino ziri hejuru ya poritike n’ivyo bindi vyose. Cari ikintu gikomeye, hanyuma no kwifotoreza hamwe navyo biza birushirizaho”. Imisi mikeya imbere y’uru rukino rundi rwo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi nijoro ku wa kabiri hagati y’iyi mirwi ibiri, hasubiye kwaduka ikindi cuka kibi, mu gihe Irani ihanganye n’imyiyerekano y’abiyamiriza reta, mu gihe kandi USSF yari ihejeje gukura ikimenyetso c’iki gihugu kigendera kw’idini rya Islam kw’ibendera, mu nkuru y’amasanamu yari yashize ku rubuga ngurukanabumenyi. Aya masanamu yahavuye afutwa, umumenyereza wa Amerika nawe, Gregg Berhalter, aca asaba imbabazi , avuga ko “rimwe na rimwe hari ibintu bigoye gukontorora”, kandi ko we n’umurwi wa Amerika barajwe ishinga n’umupira w’amaguru. Amerika yinjiye mu kibuga yizeye ko idasubira gukubitwa nk’uko vyagenze mu 1998 rwarangiye itsinzwe na Irani 2-1, n’aho ibi bihugu vyompi bitashoboye kubandanya ihiganwa inyuma y’urwo rukino. Alexi Lalas, umunyamakuru wa Fox Sports yari mu murwi wakinye urwo rukino rwa 1998, yabwiye ikinyamakuru Associated Press ko umurwi nserukiragihugu wa Amerika wa kino gihe wategerezwa kuja mu kibuga wagabishijwe ko cazira kwirengagiza insiguro ya poritike y’uru rukino. Mu kwerekana igituma Amerika idategerezwa gufyinata mu kibuga, avuga ati: “Gutahura akamaro k’uru rukino, atari kuraba gusa ku ruhande rw’umupira w’amaguru bagafatira ahubwo ku muco, nibaza ko ari ikintu gikomeye kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika”. Urukino rwa nijoro hagati ya Amerika na Iran muri Qatar rwarangiye Amerika itsinze Irani 1-0 ku gitsindo ca Christian Pulisic ku munota wa 38." https://www.bbc.com/gahuza/articles/c87ey1y2dzzo +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya kuri uyu wa Mungu 16.06.2019: Salah, Pogba, Diop, Jesus, Maguire, Benteke, Kessie "Umusatirizi w'umurwi wa Liverpool n'umurwi nserukiragihugu wa Misiri, Mohamed Salah w'imyaka 27, yanse igiciro c'imiliyoni 150 y'amafaranga y'abongereza (amapawundi) cari catanzwe n'imirwi ya Real Madrid na Juventus. (Mirror) Nayo umukinyi wo hagati wa Manchester United umufaransa Paul Pogba w'imyaka26, avuga ko yiteguye guhagarika ibikorwa kugira ngo agondoze umurwi wiwe kumwemerera ko yokwigira muri Real Madrid. (ABC - mu ki espanyole) Manchester United nayo ikaba yipfuza cane umukinyi w'inyuma w'umufaransa, Issa Diop w'imyaka 22, asanzwe akinira West Ham, ku giciro c'imiliyoni 45 z'amapawundi. (Sky Sports) Manchester United kandi isanzwe imenyerezwa na Ole Gunnar Solskjaer biboneka ko amahirwe y'ukuronka umukinyi w'umufaransa, Antoine Griezmann w'imyaka 28, asanzwe akinira Atletico Madrid ari make cane mu gihe Barcelona yiteguye kumugura ku miliyoni 150 y'amapawundi. (Mirror) Umusatirizi Marcus Rashford w'imyaka 21, ashobora kwongezwa umushahara gushika ku ma pawundi 350,000 ku ndwi kugira ngo umurwi wiwe wa Man United umuhendahende ntawute ngo yigire muri Real Madrid na Barcelona zisanzwe zimwipfuza. (Sun) Umusatirizi wa Brezili, Gabriel Jesus w'imyaka 22, avuga ko ""ari indoto"" ko we n'umusatirizi wa Argentine Sergio Aguero w'imyaka 31, bava mu murwi Manchester City imbere y'uko ihiganwa ry'umwaka uza ritangura mu Bwongereza. (Mail) Umukinyi wo hagati wa Chelsea, Umufaransa Tiemoue Bakayoko w'imyaka 24, avuga ko yipfuza kubona umunsi umwe akiniye umurwi wa Paris St-Germain mu Bufaransa. (L'Equipe) Umumenyereza Rafa Benitez asigaje ikiringo c'indwi zibiri gusa ngo amasezerano afitaniye na Newcastle arangire kandi ntibarumvikana nimba yobandanya amenyereza uwo murwi. (Newcastle Chronicle) Umukinyi w'inyuma wa Leicester n'Ubwongereza, Harry Maguire w'imyaka 26, yari yumvikanye n'uwahora ari nyene uwo murwi ariko yamaze kwitaba Imana, Vichai Srivaddhanaprabha, ko ashobora kuva muri uyo murwi ihiganwa riheruka rirangiye. (Mirror) Umurwi wa Juventus uriteguye kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo wa Tottenham n'Ubwongerza, Kieran Trippier w'imyaka 25, ku giciro c'imiliyoni 45 z'amapawundi. (Times ) Umusatirizi w'Umubirigi, Christian Benteke w'imyaka 28, yipfuza kwigumira mu murwi wa Crystal Palace n'aho hari amakuru avuga ko ashobora kuja gukina mw'ihiganwa ryo mu Bushinwa. (Standard) Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yabwiwe ko yokora ibishoboka vyose kugira ngo arondere abasubirira abakinyi babiri bagiye kuva muri uyo murwi, umukinyi w'inyuma, Alberto Moreno w'imyaka 26, n'umusatirizi Daniel Sturridge w'imyaka 29. (Star) Umurwi wa Arsenal ugiye gusubira kugerageza ku ncuro ya gatatu kugura umukinyi w'umusatirizi w'umufaransa akinira Lorient, Alexis Claude-Maurice, w'imyaka 21, inyuma y'aho izo mpande zompi ( Arsenal na Alexis) zishikiye ku mwumvikano. Metro) AC Milan irashobora guha Arsenal umukinyi wo hagati wo muri Cote d'Ivoire, Franck Kessie w'imyaka 22, bakaguza n'umukinyi wo hagati w'umunya Uruguay, Lucas Torreira w'imyaka 23. (Gazzetta dello Sport - in Italian)" https://www.bbc.com/gahuza/imikino-48654861 +sports Dambe, umukino uriko uramamara kw'isi umezi nk'itera-makofe rya boxe Dambe, umukino uriko uramamara kw'isi umezi nk'itera-makofe rya boxe ukinwa n'aba Hausa bo mu burengero bwa Afrika https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50679041 +sports Ivangura mu mupira w’amaguru ni ikibazo ngorabahizi "Haraciye indwi zitari nke ibijanye n'ivangura rishingiye ku rukoba bivugwa cane mu mupira w'amaguru. Abakinyi batari bake basanzwe bakina i Bulaya bariziziwe n'iryo vangura, riboneka ko ari ikibazo kimaze imyaka iharurwa muri mirongo n'iyindi. Abategetsi muvyo umupira w'amaguru bariko bagerageza kurwanya ubwo bukozi bw'ikibi, ariko kiboneka ko kikiri ingorabahizi. Ni ikibazo kimaze imyaka myinshi cane, aho abakinyi b'abanya Afrika aribo biziziwe gusumba, ugasanga batukwa canke bakazomerwa mu kibuga. Ubu rero bikaba vyimukiye ku mbuga hwaniro, aho abakinyi batari bake batukwa, bagatyozwa, eka bakandikwako ibitari bike, abarongoye ivyo umupira w'amaguru i Bulaya bakabura ico bafata n'ico bareka. Umunyamakuru wa BBC Stanley Kwenda agize iminsi aganira n'abakinyi be n'abahoze ari abakinyi rurangiranwa. Umwe muri abo bakinyi nawe nyene yahuye n'ico kibazo, ni umunya Côte d'Ivoire Yaya Touré. Yakinye mu bihugu vy'Ububirigi, Ukraine, Ubugiriki, Ubufaransa, Espanye hamwe n'Ubwongereza. Avuga ati: ""Abantu babifata nk'ugufyinata, ntaco bibabwiye gutyoza abakinyi. Jewe namye ngwanya iyi ngeso ariko igitangaje ibandanya"". Ishirahamwe Kick It Out ryishinze kurwanya amacakubiri nk'ayo, rivuga ko ikumira rishingiye ku rukoba ryiyongereye cane mu myaka indwi iheze, aho mu mwaka w'inkino uheze gusa ryaduze gushika ku bice 50%. Mu bakinyi biziziwe cane harimwo umusatirizi wa Liverpool Mohamed Salah hamwe na Wilfred Zaha wa Crystal Palace. Lomana Lua Lua yahoze ari umusatirizi akomoka muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, akaba yarigeze gukorana n'ishirahamwe Kivck It Out. Avuga ati: ""Si nibaza ko bizokwigera bihagarara. None ko bitazokwigera bihagarara, hokorwa iki? Guta umwanya wose ugerageza kubirwanya? Ivyo ntaco bimaze. Abatama ntaco bibabwiye, ni intumva! Igikenewe ni uko abakiri bato ari bo bokorerwako bakigishwa"". Arthur Masuaku ni umukinyi nawe nyene akomoka muri RD Congo muri kino gihe akaba akina muri West Ham mw'ihiganwa ry'Ubwongereza. Avuga ati: ""Jewe vyarambayeko, aho ikijuju kimwe c'umufana cancirako amate, kimbwira ngo 'subira iwanyu', jewe naritwengeye. Kuri jewe ni ibintu bibabaje, ariko simbona ico nokora"". Ikibazo c'ivangura kiri hose i Bulaya, ariko bigasumbana bivanye n'igihugu, nk'uko bivugwa n'umunya Afrika y'Epfo, Benni McCarthy, yigeze gukina mu bihugu bine bikomeye mu mupira w'amaguru. Ati: ""Mu Buholande narahuye n'ico kibazo, ariko nababajwe cane ndi muri Espanye, aho nabwiye ibijambo bibi cane rwose gushika aho numva umengo sinosubira gukina kuko ntashobora kuvyihanganira"". ""Muri Portugal, baragukunda iyo ukina mu murwi wabo, ariko ukina ahandi, ni ibindi bintu, uramererwa nabi, baragutuka, bakakwita inkobe/inguge"" ""Nagiye kugira agahengwe ndi mu Bwongereza kuko nico gihugu cubaha gusumba ibindi. Mu Bwongereza ntushobora kwumva indirimbo za hooo hooo (indirimbo zisigura inguge)"". Umurwi wa Crystal Palace ufise abakinyi batari bake b'abirabure, usanzwe ukinamwo Wilfred Zaha aherutse gutyozwa kubera ari umwirabure. Roy Hodgson, umumenyereza wayo avuga ati: ""Ico ni ikibazo c'imibereho muri rusangi, si mu mupira w'amaguru gusa. Ni ikibazo ibihugu vyose, cane cane Ubwongereza, biriko bigerageza gutorera umuti"" . Abakinyi bamwe baragabisha ko bashobora kuza barivumbura bakava mu kibuga mu gihe bobandanya biziziwe n'ivangura rishingiye ku rukoba. Hagati aho, umunya Senegal El Hadji Diouf umusatirizi yahoze akina muri Liverpool afise impanuro itandukanye. Abwira abandi bakinyi ati: ""Ndazi ko jewe El Hadji Diouf abantu batankunda, ariko sinigera ndabaha akaryo ko kunyifatira mu gahanga, kandi mvuga nti ivyo bizokwama bishikira abakinyi bose b'abanya Afrika"". ""Ntibazigera babaha ikibanza nk'ico baha ab'iwabo. Ico nobahanura ni ukwigumya, ugakinana umutima wawe wose, kandi ubinezererewe kugira ngo mubereke ko turi abakinyi bakomeye"". Ivangura rishingiye ku rukoba ni ikibazo ngorabahizi mu mupira w'amaguru. Yaya Toure avuga ko umupira w'amaguru ari urukino ruhuza abantu bose b'imice itandukanye, aho rero ububi bw'abantu kanaka buca bwibonekeza. Kuri we icoba ciza ni uko imirwi n'abakunzi bayo bofatirwa ibihano ruhasha. Muri kino gihe, hari ubwoba ko mu gihe ivangura rishingiye ku rukoba ryobandanya rishobora gutuma urwaruka rwinshi rushobora guheba gukunda urwo rukino ruryoheye ijisho." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-49950428 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa gatandatu: Sancho, Varane, Salah, Konate, Haaland, Andersen Abegereye umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund Jadon Sancho w'imyaka 21 bafise icizere kinini ko uyu mukinyi mpuzamakungu w'Ubwongereza azoshobora kwimukira muri Manchester United mu ci riza. Uyu murwi wa Premier League witeze gutangura kumusaba ku giciro kiri hagati ya miriyoni 91 na 105 z'amadorari y'abanyamerika. (Eurosport) Manchester United ishobora kwifashisha umukinyi w'imbere, umwongereza Jesse Lingard w'imyaka 28 kugira ngo ironke amafaranga yo kugura Sancho. (Sun) Ku rutonde rw'abakinyi bashobora gusubirira umusatirizi wa Paris Saint-Germain, umufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22 harimwo umusatirizi wa Liverpool, umunyamisiri Mohamed Salah w'imyaka 28. (ESPN) Manchester United iri mu biganiro n'umukinyi w'inyuma wa Real Madrid, umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28. (Manchester Evening News) Manchester United iriteguye gutanga imiriyoni zirenga 56 z'amadorari y'abanyamerika kugira igure Varane muri rino ci. (Mirror) Umumenyereza wa RB Leipzig, Oliver Mintzlaff yemeje ko amasezerano uyu murwi ufitaniye n'umukinyi w'inyuma, umufaransa Ibrahima Konate w'imyaka 21, asanzwe ari mu baronderwa na Liverpool, afise ingingo imwemerera gushobora kugenda. Uyu murongo uvuga ko umurwi womurondera wotegerezwa gutanga imiroyini hafi 487 z'amadorari y'abanyamerika. (Liverpool Echo) Manchester City yatanguye kuvugana n'umurwi Sporting Lisbon kugira ngo ishobore kuronka umukinyi w'inyuma, umunya Portugal Nuno Mendes w'imyaka 18. (Mail) Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel yahitishijwemwo kugura umusatorizi wa Borussia Dortmund, umunya Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20 canke umukinyi w'imbere wa Inter Milan, umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 28. (Express) Barcelona iriteguye gukora ibishoboka vyose kugira ngo igure Haaland mu ci riza mu kurindira ko itangura kugerageza kugumya umusatirizi wa Argentine Lionel Messi w'imyaka 33. (Sun) Umukinyi w'imbere wa Chelsea, umunyamerika Christian Pulisic w'imyaka 22 ariyamiriza amakuru avuga ko ashobora kuva muri Chelsea mu ci riza. (ESPN) Umuserukizi wa Christiano Ronaldo umusatirizi wa Juventus avuga ko uyu mukinyi w'umunya Portugal w'imyaka 36 ata mugambi afise wo gusubira muri Sporting Lisbon mu ci riza. (Record - in Portuguese) Mu ci riza, Southampton itegura gusaba umurwi Chelsea ko woyiha umukinyi wo hagati, umwongereza Ruben Loftus-Cheek w'imyaka 25 ubu asanzwe akina muri Fulham aho yatijijwe, ku miriyoni 28 z'amadorari y'abanyamerika. (Express) Leicester iri hafi yo guheraheza amasezerano yo kugura umukinyi wo hagati w'umufaransa Boubakary Soumare w'imyaka 22 akina mu murwi Lille ku miriyoni hafi 28 z'amadorari y'abanyamerika. (Italian journalist Fabrizio Romano, on Twitter) Umumenyereza wa Crystal Palace yiteze gusezera uyo murwi mu ci riza igihe amasezerano afitaniye nayo azoba arangiye, ariko Frank Lampard yahoze amenyereza Chelsea ntari mu bariko barondera kuzomusubirira. (Times - subscription required) Arsenal nta nteguro ifise yo kugiriranira ayandi masezerano y'intizo n'umukinyi wo hagati wa Real Madrid umunya Espagne Dani Ceballos w'imyaka 24. (Independent) Arsenal yitezwe kugura n'imiburiburi abakinyi batanu mu gihe c'igura n'igurisha ry'abakinyi mu ci riza. Bamwe mu bo irondera harimwo umukinyi wo hagati wa Brighton umunya Mali Yves Bissouma w'imyaka 24, hamwe n'umukinyi wo hagati wa Sheffield United, umunya Norvege Sander Berge w'imyaka 23, na bo nyene bashaka kuva muri iyi mirwi. (Football.London) Icizere ca Tottenham co kugura umukinyi w'inyuma wa Lion, umunya Danmark, Joachim Andersen, yariu amaze umwaka akinira Fulham iyo yari yatijijwe, congerekanye kubera uyu mukinyi w'imyaka 24 avuga ko yipfuza kuguma muri Premier League.(Standard) Tottenham iripfuza kugura Andersen afise agaciro k'imiriyoni zirenga 28 z'amadorari y'abanyamerika. (Sky Sports) Barcelona ishobora kurungika abakinyi bashika 14 mu mpera z'ihiganwa ry'uno mwaka harimwo umukinyi w'inyuma, umufaransa Samuel Umtiti w'imyaka 27, hamwe n'umukinyi w'imbere, umunya Bresil Philippe Coutinho w'imyaka 28. (Mundo Deportivo) Umusatirizi wa Manchester City, umunya Argentine Sergio Aguero w'imyaka 32 ari hafi yo kwinjira muri Barcelona ataco aguzwe mu ci riza - ariko agategerezwa kwemera gukatwa igice kitari gito c'umushahara asanzwe ahembwa. (Sun) Umunyegori wa Aston Villa, umwongereza Tom Heaton w'imyaka 35, yanse ayandi masezerano, akaba yemeye mu majambo gusa kwinjira muri Manchester United. (Football Insider) https://www.bbc.com/gahuza/imikino-57126554 +sports Umunonotsi wa BBC w'umwaka muri Afrika: Faith Kipyegon Faith Kipyegon ari mu bahiganirwa agashimwe ka BBC k'umunonotsi w'umunye-Afrika yenuriye abandi mu 2021 Ushaka gutora tugusavye kuja ngaha https://www.bbc.co.uk/sport/africa/59089895 aho unasanga amategeko ajanye n'ubuzima bwite. Gutora bizohera kuwa Mungu itariki 19/12/2021 saa 23:59 GMT. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59600817 +sports Tottenham: Nuno Espirito Santo yirukanywe mu mabanga y'umumenyereza inyuma y'amezi ane "Umugwi wa Tottenham Hotspur yirukanye umumenyereza Nuno Espirito Santo inyuma y'amezi ane agenywe muri ayo mabanga. Tottenham imaze gutsindwa inkino zitanu kuri ndwi ziheze mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, harimwo n'urukino rwabahuje na Manchester United kuri uyu wa gatandatu. Iri mu kibanza ca 8 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ikaba iri inyuma amanota 10 ku mugwi wa mbere Chelsea. Uwurongoye uwo mugwi Fabio Paratici yavuze ati:""Ndazi uko Nuno n'abamufasha bagerageje kugira bagire ico bashitseko, nkaba ntanejerejwe no kuba twatinze dufata iyo ngingo."" Uwo munye Portugal w'imyaka 47, yari yagenywe mu mabanga yo kumenyereza uwo mugwi mu kiringo c'imyaka ibiri mu kwezi kwa gatandatu inyuma y'imyaka ine yari amaze muri Wolves. Paratici yagize ati:""Nuno n'umugabo w'abagabo kandi arahawe ikaze ngaha igihe ico ari co cose. Dukwiye kumushimira co kimwe n'abamufasha mu kazi kiwe, tunabipfurize n'ivyiza mu bihe biri imbere."" Tottenham yavuze ko ingingo yo kumenya uwuzosubirira Nuno "" Ni yo igiye gukurikira"". Tottenham yazomerewe cane inyuma yo gutsindwa ibitego 3-0 na United, yatanguranye inguvu, hanyuma inyuma yo gutsinda inkino zitatu, Nuno yabaye umumenyereza wa mbere mwiza w'ukwezi kw'umunani. Hagati aho, umwimbu wagiye umanuka. N'aho bari batsinze Aston Villa na Newcastle mu kwezi kwa cumi, baratsinzwe na Chelsea, Arsenal, West Ham na Crystal Palace udashizemwo gutsindwa mu nkino za Europa League." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-59120758 +sports Football - Ayavugwa kuri uno wa kane: Osimhen, Bellingham, Endrick, Gakpo, Neves, Gomez, Zaha Chelsea iriko irarondera ingene yogura umusatirizi mu ci riza, umunya-Nigeria akina muri Napoli   Victor Osimhen  w’imyaka 23 niwe ahabwa amahirwe mu gihe bakironderera n’ahandi. (90 Min) Umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19, yabonetse nk’uwundi ashobora kuronderwa cane na Chelsea, mu gihe umwongereza mugenziwe akina hagati muri  West Ham Declan Rice w’imyaka 23 nawe nyene ashimwa na bamwe mu barongoye aba ba Blues.  (Evening Standard) Arsenal ishobora guhiganwa na Barcelona be na Real Madrid mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa  Palmeiras Endrick w’imyaka 16, afatwa nka “Pele w’igihe kiri imbere”. (Four Four Two) Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag ariko adindiza gufata ingingo ku masezerano yerekeye kazoza k’umunyegori wayo umunya-Espagne David de Gea w’imyaka 31, hamwe n’umusatirizi wayo, umwongereza Marcus Rashford  w’imyaka 24. (Guardian) Umukinyi wo ku ruhande wa PSV Eindhoven Cody Gakpo w’imyaka  23 avuga ko hahatswe gato ngo yimukira muri Manchester United mu ci riheze, mu gihe Leeds United na Southampton nayo nyene yarondeye uyu munya-Hollande, imbere y’uko afata ingingo yo kuguma mu murwi wiwe. (Times) Barcelona iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa Manchester United umunya-Portugal Diogo Dalot w’imyaka 23, mu gihe amasezerano afitaniye n’uyu murwi azorangira mu ci riza, ariko akaba ashobora kwongerezwa ikindi kiringo c’umwaka. (Mundo Deportivo – mu ki-Espagnol) Umukinyi wo hagati wa Wolves umunya-Portugal Ruben Neves w’imyaka 25 yemerewe kuja muri Barcelona. (Mundo Deportivo – mu ki-Espagnol) Umukinyi wo ku ruhande wa Wolves Adama Traore w’imyaka 26, avuga ko yizeye ko umusi umwe azosubira gukina mu gihugu ciwe c’amavukiro ca Espagne. (AS – mu ki -Espagnol) Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza Gareth Southgate agiye gukurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa Liverpool Joe Gomez w’imyaka 25 imbere y’uko atanga urutonde rw’abo azokinisha mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru mu kw’icumi na rimwe. (Times) Umumenyereza wa Crystal Palace Patrick Vieira avuga ko bari mu biganiro kugira ngo bongereze amasezerano y’umusatirizi wayo, umunya- Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w’imyaka 29, mu gihe imirwi ya Arsenal na Chelsea imurondera, amasezerano afitaniye n’umurwi wiwe akazorangira mu ci riza. (Metro) Uyu musatirizi Zaha  wa Palace avugwa ko yipfuza kwimukira muri Liverpool, ariko hari iyindi mirwi myinshi imushaka. (Talksport) Umukuru w’igisata kijejwe umupira w’amaguru muri Manchester United John Murtough avuga ko ata cizere c’uko bashobora kugura abakinyi mu kadirisha k’igura n’igurishwa ry’abakinyi ko mu kwa mbere, agashimangira ko barindiriye ca gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu ci riza. (Telegraph ) Umumenyereza wa Manchester United Erik Ten Hag agiye gusaba ashimitse ko bogura umukinyi wo hagati wa Barcelona umunya-Hollande Frenkie de Jong mu kwa mbere. Uyu mukinyi w’imyaka 25 bishobora kuba ngombwa ko arindira gushika mu ci riza imbere y’uko asezera uyu murwi wo muri Espagne, aho n’imirwi ya Chelsea na Bayern Munich nayo ishobora kumurondera. (Sport - mu ki Espagnol) Umumenyereza wa Chelsea Graham Potter ntarafata ingingo kuri kazoza k’umuswisi Denis Zakaria w’imyaka 25, asanzwe yaratijijwe muri uyu murwi w’Ubwongereza avuye muri Juventus. (90min) Everton iriko irerekana ko yipfuza umusatirizi wa Lille,  umunya-Canada Jonathan David w’imyaka 22, ni mu gihe umumenyereza wayo Frank Lampard ariko ararondera ingene yokomeza igisata c’imbere. (Liverpool Echo) Tottenham ishobora kuronka imiriyoni 26 z’amapawundi ku mufaransa akina hagati Tanguy Ndombele w’myaka 25, mu gihe Napoli asanzwe yaratijijwemwo yofata ingingo yo kumugumana burundu. (Express) https://www.bbc.com/gahuza/articles/cj5zmppn2z1o +sports Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulaya 01/10/2019: Wenger, Sancho, Vertonghen, Mandzukic, Alderweireld "Umukuru wa Borussia Dortmund aremeza ko ata cizere afise c'uko umukinyi w'imbere w'umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 19 yarondewe na Manchester United mu ci riheze ashobora kubandanya akinira uyo murwi igihe kire kire. (Kicker, via Mail) Umusatirizi wa ChelseaTammy Abraham w'imyaka 21 ariteguye guheba gukinira igihugu ciwe ca Nigeria agakinira Ubwongereza mu gihe umumenyereza Gareth Southgate yomutumako mw'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vy'Uburayi, Euro 2020 mu gihe Ubwongereza buzohura na République tchèque na Bulgaria. (Telegraph) Umukinyi w'inyuma wa Tottenham, Jan Vertonghen w'imyaka 32, avuga ko ashobora kugiriranira ayandi masezerano n'uyo murwi. Ni mu gihe amasezerano afitaniye nyo azorangira mu mpera z'uno mwaka w'inkino. (London Evening Standard) Uyo murwi watanguye ibiganiro na Vertonghen kugira ngo barabe ko ayo masezerano yokwongerezwa. (Mail) Umusatirizi wa Juventus, Mario Mandzukic w'imyaka 33 asanzwe aronderwa na Manchester United, ariko kandi aronderwa n'umurwi Los Angeles FC mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru muri Amerika, MLS. (Calciomercato) Manchester United iriko irarondera ko yoronka umukinyi w'inyuma wa Tottenham, umubirigi Toby Alderweireld w'imyaka 30, mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi mu kwezi kwa mbere kuza. (Tuttosport, via Inside Futbol) Arsène Wenger yahoze amenyereza Arsenal ari ku rutonde rw'abashobora gusubirira Marco Giampaolo nk'umumentyereza wa AC Milan. (Gazzetta dello Sport) Arsenal itegura gukurikiranira hafi umukinyi wa Hongrie Dominik Szoboszlai w'imyaka 18 mu gihe umurwi wiwe Red Bull Salzburg uzoba uramutse uhura na Liverpool muri ino ndwi, Arsenal itegura kumurondera mu kwezi kwa mbere kuza. (Football Insider) Umukinyi w'inyuma wa Barcelona, Gerard Piqué, ariko yitegura kubonana n'umukuru w'uyo murwi, Josep Maria Bartomeu, mu gihe icuka kibandanya kiba kibi hagati y'abakinyi n'abarongoye uyo murwi. (ESPN) Juventus na Inter Milan bashobora kuba bariko bitegurira kurwanira umukinyi wo hagati wa Barcelona, umunya Croatia Ivan Rakitic w'imyaka 31. (Calciomercato, via Caught Offside) Umumenyereza wa Porto, Vitor Matos, ari mu biganiro na Liverpool kandi bigeze kure, kugira ngo ashobore gukorana na Jurgen Klopp mu murwi w'abamenyereza b'uyo murwi. (Liverpool Echo) Ingorane z'ivi z'umunya Côte d'Ivoire Eric Bailly, umukinyi w'inyuma wa Manchester United, zishobora kumutuma adasubira gukina gushika mu mwaka w'inkino uza. Uyo mukinyi w'imyaka 25 yavunitse mu rukino rwa kivandimwe na Tottenhm imbere y'uko ihiganwa ritangura. (Sun) Roma iriko ikurikiranira hafi umukinyi wo ku ruhande wa Wolves, umunya Espanye Adama Traoré w'imyaka 23. (Calciomercato) Umukuru w'umurwi wa Tottenham, Daniel Levy, ni we yakoze ibishoboka vyose kugira ngo umukinyi wo hagati w'Umufaransa Moussa Sissoko w'imyaka 30 aronke ayandi masezerano y'imyaka ine. (Football Insider) Uwahoze ari umumenyereza wa Everton, David Moyes, avuga ko ""bihenze"" kubona batasubiyemwo ikibuga cabo ca Goodison Park. (Liverpool Echo) Vyabaye ngombwa ko abakinyi ba Arsenal bafata urugendo ejo ku wa mbere baja mu gisagara ca Manchester gukina na Manchester United ku mugoroba, kubera amahoteri yose makuru makuru yari yafashwe kubera inama y'umugambwe w'aba Conservateurs. (Sun) Umumenyereza wa Newcastle United, Steve Bruce, nta bwoba afise ko ashobora kubogozwa, n'aho umurwi wiwe ugira kabiri uvuye inyuma muri Premier League, inyuma y'aho unyagiriwe na Leicester City ibitsindo 5-0. (Times) Uwigeze kuba umuhagarikizi muri Premier League, Mark Clattenburg, avuga ko kari kuba ""akaga"" iyo VAR itemera igitsindo ca Arsenal catsinzwe na Pierre-Emerick Aubameyang, gituma urukino rurangira Manchester United inganya na Arsenal 1-1 ejo ku wa mbere. (Mail)" https://www.bbc.com/gahuza/imikino-49894369 +sports Umunonotsi Caster Semenya wa Afrika y'Epfo yatumiwe guhiganwa muri Diamond League ku metero 800 muri Maroc "Abajejwe ihiganwa rya Diamond League mu gihugu ca Maroc bamenyesha ko umunonotsi w'umwigeme wo muri Afrika y'Epfo, Caster Semenya, yatumiwe guhiganwa ku metero 800 ejo ku munsi wa Mungu mw'iryo higanwa. Ku munsi wa kabiri w'iyi ndwi, sentare nkuru y'igihugu c'Ubuswisi yarahagaritse vy'agateganyo ingingo nshasha yari iherutse gufatwa n'ikigo mpuzamakungu kijejwe ukwinonora imitsi, IAAF, categeka ko abanonotsi b'igitsinagore bafise ibinyabugabo birenze (testosterones) bitegerezwa kugabanywa. Ku munsi wa kane, Semenya yari yamenyesheje ko atari bwemererwe kwitaba iryo higanwa ryo muri Maroc, n'aho iyo ngingo yari yahagaritswe. Ariko ku munsi wa gatanu, Alain Blondel yari arongoye inama itegura iryo higanwa yavuze ko afise ""umunezero w'ukumenyesha"" ko Semenya yatumiwe muri iryo higanwa. Semenya asanzwe yarunguruje urubanza ku ngingo y'ikigo IAAF y'ukugabanya ivyo binyabugabo, ingingo afata ko ari akarenganyo ku banonotsi b'igitsinagore nka we. Amahiganwa ya Diamond League ntategurwa n'ico kigo IAAF, bisigura ko abategura amahiganwa nk'ayo bafise uburenganzira bwo gutumira abo bashatse. N'aho imanza zikibandanya, Semenya amaze gutsinda amahiganwa ya Olempiki abiri yikurikiranya ku metero 800, ari ku rutonde mfatakibanza rw'abazoserukira Afrika y'Epfo mu nkino mpuzamakungu zizobera mu gihugu ca Qatar mu mpera z'uno mwaka wa 2019." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-48646311 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Kane, Sanches, Asensio, Haaland, Trippier, Coutinho Manchester City iriteguye gutanga imiriyoni 205 z'amadorari y'abanyamerika kugira ironke umusatirizi w'umwongereza Harry Kane w'imyaka 28, hakaba hari amakuru avuga ko Tottenham yoba yiteguye kwemera ico giciro kandi ko n'umukuru wayo Daniel Levy agiye gutangura ibiganiro. (Independent) Mu gihe vyokwanka ko Manchester City ironka Kane muri rino ci, uwu murwi watahukanye igikombe ca Premier League uvugwa ko woca uvuvudikira umusatirizi wa Fiorentina umunya Serbia Dusan Vlahovic w'imyaka 21, ikaba ivugwa ko yoba yinjiye mu rugamba rwo kurondera uyu musatirizi ku miriyoni 80 z'ama euros. (Firenze Viola - in Italian) Wolves yiteze ko Tottenham iyegera kugira ngo irabe ko yoyigurira umusatirizi w'umunya Espagne Adama Traore w'imyaka 25 mu gihe Kane yoramuka aguzwe na City muri rino ci. (Mail) Liverpool yahuye n'inzitizi mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Lille umunya Portugal Renato Sanches w'imyaka 24, inyuma y'aho uyu mukinyi yanduriye imvune izomutuma ataboneka mu kibuga mu kiringo c'indwi zitandatu. (Mirror) Umurwi watsindiye ihiganwa Premier League ry'Ubwongereza Manchester City uri mu biganiro n'umukinyi wayo w'inyuma umumya Portugal Ruben Dias w'imyaka 24 kugira imwongere ayandi masezerano mashasha. (Sun) Arsenal ishobora kuba yiteguye gutanga imiriyoni zababa 46.5 z'amadorari y'abanyamerika ku mukinyi wo hagati wa Real Madrid umunya Espagne Marco Asensio w'imyaka 25. (Fichajes - in Spanish) Tottenham yongereje akariro mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Fiorentina , umunya Serbia Nikola Milenkovic w'imyaka 23, inyuma y'aho West Ham ifatiye ingingo yo gukuramwo akarenge. (The Times - subscription required) Watford iri hafi yo gushika ku masezerano n'umukinyi wo hagati wa Fenerbahce, umunya Turukiya Ozan Tufan w'imyaka 26. (Athletic) Newcastle yashize igiciro c'imiriyoni hafi 13,7 z'amadorari y'abanyamerika ku mukinyi wo hagati umwongereza Sean Longstaff w'imyaka 23, mu gihe amasezerano afitaniye nayo azorangira mu ci riza, umumenyereza wa Everton Rafa Benitez akavugwa ko yipfuza kumuzana i Goodison Park. (Mail) Arsenal na Manchester United basabwe kwibagira ivyo kurondera umukinyi w'inyuma wa Atletico Madrid umwongereza Kieran Trippier w'imyaka 30. (AS) Umusatirizi w'umunyamisiri Mohamed Salah w'imyaka 29 ashobora kuba yiteguye kuganira na Liverpool ku bijanye n'amasezerano ashobora kumutuma amara igihe kirekire akinira uwo murwi. (Times, subscription required) Everton ishobora kuronka umusatirizi wa Schalke umunyamerika Matthew Hoppe ku giciro kiri musi y'imiriyoni cumi kubera ikibazo c'amafaranga gihanze uwu murwi wo mu Budagi. Aba Toffees (Everton) ni umwe mu mirwi yipfuza uyu mukinyi w'imyaka 20 bakaba bategura gutanga imiriyoni zababa 5.4 z'amadorari. (Bild - in German) Liverpool iri imbere mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Borussia Dortmund umunya Norvège Erling Braut Haaland w'imyaka 21. (Sport1, via Mirror) Crystal Palace yari yatanze imiriyoni zababa indwi ku mukinyi wo hagati, umwongereza Will Hughes w'imyaka 26 ariko uumrwi wiwe Watford waranse kuyakira. (Sun) Umusatirizi w'umunya Pays de Galles/Wales Gareth Bale w'imyaka 32 yasubiye kwizerwa muri Real Madrid inyuma y'aho uwu murwi utanguriye kumenyerezwa na Carlo Ancelotti, ibintu bikaba bitari bimeze neza kuri uyu mukinyi igihe uwu murwi wamenyerezwa na Zinedine Zidane. (Marca - in Spanish) Juventus yakubise hasi Liverpool na Tottenham mu rugamba rwo kurondera umukinri rurangiranwa wa Santos, umunya Brésil Kaio Jorge w'imyaka 19. (Goal) Manchester United iracarondera ingene yoronka uwundi mukinyi wo hagati. Ariko, ibi vyosaba ko ibanza kugurisha abakinyi inyuma y'aho umufaransa akina inyuma Raphael Varane w'imyaka 28, hamwe n'umwongereza akina ku ruhande Jadon Sancho w'imyaka 21 binjiriye muri uwu murwi. (Manchester Evening News) Barcelona yiteze kwegeranya imiriyoni zindi 200 z'ama euros kugira ngo irabe ko yogabanya ideni ifise, ikaba yiteze kugurisha umukinyi w'inyuma umufaransa Samuel Umtiti w'imyaka 27, umukinyi wo hagati, umunye Brésil Philippe Coutinho w'imyaka 29 hamwe n'umunya Bosnia akina hagati Miralem Pjanic w'imyaka 31. (Goal) Umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya Brésil Andreas Pereira w'imyaka 25 yiteze gutizwa umurwi Flamengo. (Fabrizio Romano) Umukinyi wo hagati w'umwongereza Joe Willock w'imyaka 21 yizeye gusumvya Alan Shearer yamaze incuro zibiri zose yikurikiranya mu gutsinda ibitsindo vyinshi muri Newcastle, akaba yiteze guca umuhigo kuri uno mwaka wa kabiri atanguye muri uyu murwi mu rukino ruzowuhuza na Aston Villa mu mpera z'iyi ndwi. (Mirror) https://www.bbc.com/gahuza/imikino-58269769 +sports "Abatamvyi ba ""breakdancing"" bo muri Senegale bashaka kuja muri Olempike" "Abatamvyi ba ""breakdancing"" bo muri Senegale bashaka kuja muri Olempike" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50183232 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Suarez, Sancho, Bale, Hazard, Alli, Lingard, Ramsey Borussia Dortmund yabwiye umukinyi wo ku ruhande, umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 21, ko afise uburenganzira bwo kuva muri uyu murwi mu ci riza. (Bild - in German) Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer ashira imbere kugura Sancho mu ci riza, n'aho bamwe mu bakinyi biwe bariko bakora ibishoboka vyose kugira ngo umurwi wabo ugure umukinyi wo hagati wa Aston Villa, umwongereza Jack Grealish w'imyaka 25. (Telegraph) Hari bamwe mu barongoye Tottenham babona ko bakwiye kugerageza kugarukana Mauricio Pochettino ngo asubire amenyereze uyu murwi. Pochettino, ubu asanzwe amenyereza Paris St-Germain, ashobora kuba yiteguye kugaruka muri uyo murwi wo mu Bwongereza. (Independent) Real Madrid iriteguye kwumviriza abashaka kugura umunya Pays de Galles (Wales) Gareth Bale w'imyaka 31 akina imbere ku ruhande, hamwe n'umuburigi Eden Hazard w'imyaka 30 akina hagati, mu ci riza. (Sky Sports) Hazard aripfuza gusubira muri Chelsea, umurwi yari yavuyemwo mu 2019 aja muri Real. (El Chiringuito - in Spanish) Tottenham irategura kugurisha umukinyi wo hagati, umwongereza Dele Alli w'imyaka 25. (Football Insider) Luis Suarez avuga ko azoguma mu murwi Atletico Madrid uherutse kwegukana igikombe c'ihiganwa La Liga ryo muri Espagne n'aho hari amakuru avugwa ko uyu mukinyi w'umunya Uruguay ashobora gusubira muri Liverpool. (Liverpool Echo) West Ham ifise ubwoba ko Manchester United ishobora kuyankira ko igura umukinyi wo hagati, umwongereza Jesse Lingard, akaguma muri uyo murwi burundu. Uyu mukinyi w'imyaka 28 yarakoze birashimwa muri uno mwaka yamaze akinira West Ham nk'intizo. (Sun) Juventus iriteguye kugurisha umukinyi wo hagati, umunya Pays de Galles Aaron Ramsey w'imyaka 30. (Calciomercato - in Italian) Barcelona iriko irategura kugiriranira ibiganiro n'umukinyi w'imbere, umufaransa Ousmane Dembélé w'imyaka 24 kugira ishobore kugiriranira ayandi masezerano na we. Vyitezwe ko amasezerano asanzwe afitaniye n'uyu murwi azorangira mu ci ry'umwaka uza wa 2022. (Mundo Deportivo - in Spanish) Barcelona na Bayern Munich buri yompi iriko iragerageza kurondera umukinyi wo hagati wa Liverpool, umunya Hollande Georginio Wijnaldum w'imyaka 30. (Sky Sports) Leeds United iri mu biganiro kugira ngo ishobore kugura umukinyi wo ku ruhande, umunya Hollande Noa Lang w'imyaka 21, yafashije umurwi Club Bruges wo mu Bubirigi gutahukana igikombe c'ihiganwa ry'iki gihugu muri uno mwaka w'inkino, akaba yakina muri uyo murwi yari yatijijwemwo na Ajax. (Mail) Wolverhampton Wanderers iri mu biganiro na Bruno Lage kugira ngo ayibere umumenyereza mushasha. Lage nta kazi afise kuva avuye muri Benfica mu mwaka uheze. (Telegraph) Umumenyereza wa Newcastle Steve Bruce amenyesha ko azosaba amafaranga kugira ngo ashobore kugura abakinyi mu kiringo c'igura n'igurisha ry'abakinyi mu ci riza, aho ashira imbere ya vyose ukugura umukinyi wo hagati wa Arsenal,umwongereza Joe Willock w'imyaka 21. (Chronicle) Newcastle ishobora kandi no gusubira kurondera umukinyi wo hagati wa Celtic, umufaransa Olivier Ntcham w'imyaka 25 asanzwe yatijijwe muri Marseille. (Football Insider) Umunyegori w'umunya Australia Mat Ryan w'imyaka 29, avuga ko ashobora kubandanya ari muri Arsenal iyo yatijijwe avuye muri Brighton ikiringo kikaba carangiye. (Mail) AC Milan iri hafi yo kugura umunyegori w'umufaransa Mike Maignan w'imyaka 25 asanzwe asamira Lille, ibishobora gutuma umunyegori w'umutaliyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 22 agenda, na rirya amasezerano afitaniye n'uyu murwi wo mw'ihiganwa Serie A azorangira mu ci riza. (Sky Italia, via Mail) https://www.bbc.com/gahuza/imikino-57237737 +sports Igikombe c'isi (World Cup/Coupe du Monde) 2022: Ghana ivuga ko itegerezwa 'kwihora' Uruguay "Ghana iriteguye ""kwihora"" Uruguay inyuma y'itombora rya nijoro ryashize ibi bihugu mu murwi umwe mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi mu 2022 mu mupira w'amaguru. Urukino hagati y'ibi bihugu mu murwi H, aho umurwi nserukiragihugu wa Ghana, Black Stars, uzohura kandi na Portugal hamwe na Korea y'Epfo, ruzokwibutsa urwabihuje mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi ryo mu 2010. Ghana yakuwe mw'ihiganwa na Uruguay ku ma penalties 4-2 muri iryo higanwa ryariko ribera muri Afrika y'Epfo, aho umusatirizi Asamoah Gyan yahushije penalty bari baronse ku munota wa nyuma wo muri ya minota y'agasunuzo (temps supplémentaire/extra-time) , inyuma y'aho Luis Suarez asamiye n'amaboko umupira wari ugiye kwinjira agaca ahabwa ikarata itukura. Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Ghana, Kurt Okraku yabwiye BBC Sport Africa ati: ""Twizeye ko kazoba ari akaryo ko kwihora"". ""Twari twamaze kwizera ko twari dutsinze urwo rukino rutari rusanzwe iyo bitaba birya bintu vyakozwe na Suarez. Rero biraryoshe kubona dusubiye guhura, bitwibutsa vyinshi ubu. ""Ni ngombwa ko twerekana ukuri aho kuri"". Umusatirizi Suarez, ubu afise imyaka 35 akaba ari umusatirizi wa Atletico Madrid inyuma y'imyaka yamaze muri Liverpool na Barcelona, aracakinira umurwi nserukiragihugu wa Uruguay imaze gutahukana iki gikombe incuro zibiri, mu gihe Ghana yoyo ata gihamana kinini co kuba igifise umukinyi wayo n'umwe yayikiniye mu 2010, haraciye imyaka 12. Ico gihe, urwo rukino rwabaye umubabaro kuri Afrika yose no kuri Ghana yari yiteze kuba igihugu ca mbere muri Afrika cari kuba gishitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri iri higanwa ry'igikombe c'isi yose. Mu bindi bihugu vya Afrika, Tunisia iri mu murwi umwe n'Ubufaransa busanzwe ari bwo bufise iki gikombe bwatahukanye mu 2018, nayo Cameroun ikaba iri kumwe na Brésil imaze gutsindira iki gikombe incuro zitanu zose. Sénégal iherutse gutsindira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika iri mu murwi umwe na Qatar izokwakira iri higanwa, nayo Maroc ikaba iri kumwe n'Ububirigi buza ubugira kabiri ku rutonde rw'isi mu mupira w'amaguru. Iri higanwa rya FIFA ry'igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru ryitezwe gutangura ku wa 21 z'ukwa cumi na rimwe rirangire ku wa 18 z'ukwa cumi na kabiri uno mwaka. Raba hano: ingene imirwi itunganijwe mw'ihiganwa ry'uno mwaka rizobera muri Qatar Muri Afrika, ibihugu bitatu vyonyene nivyo bimaze gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma (Quarts de finale); Cameroun mu 1990, Sénégal mu 2002 hamwe rero na Ghana mu 2010, aho yari yiteze gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma iyo Suarez adakora iri kosa ry'agahomerabunwa." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-60964977 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Aguero, Pogba, Salah, Ramos, Van de Beek, Bissouma,Abraham "Everton yahambije Chelsea, Leeds United, Tottenham, Barcelona na Inter Milan mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Argentina Sergio Aguero, ni mu gihe amasezerano afitaniye na Manchester City azorangira mu ci riza akazoshobora kuja aho ashatse atagisabwe. (Star on Sunday) Manchester United iriteguye kugurisha umukinyi wo hagati, Umufaransa Paul Pogba mu ci riza mu gihe uyu mukinyi w'imyaka 28 atoshaka kugiriranira ayandi masezerano n'uyu murwi. (Sun on Sunday) Umusatirizi wa Misiri, Mohamed Salah, avuga ko gushika ubu Liverpool ataco iravuga ko bijanye n'uko yohabwa ayandi masezerano kugira abandanye akinira uyu murwi, ni mu gihe amasezerano uyu mukinyi w'imyaka 28 asanzwe afitaniye nawo azorangira mu ci rya 2023. (Sky Sports) Manchester United irarahira ikarengwa ko idashobora kwemera kugurisha mu ci riza umukinyi wayo wo hagati, umunya Hollande Donny van de Beek w'imyaka 24. (Sun on Sunday) Arsenal irizeye ko ishobora kuronka umukinyi wo hagati wa Brighton umunya Mali Yves Bissouma w'imyaka 24 ku miriyoni zababa 40 z'amadorari y'abanyamerika. (Star on Sunday) AC Milan iriko irakurikiranira hagufi umusatirizi wa Chelsea, Umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 23 asanzwe kandi ariko araronderwa na West Ham. (Standard) Umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'Ububirigi Roberto Martinez ashobora kuba yiteguye gusubira kurangurira amabanga yiwe mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League - kandi rero Tottenham ubu isanzwe idafise umumenyereza iriko iramukurikiranira hagufi. (Sun on Sunday) Umumenyereza wa Fulham Scott Parker na we nyene ariko araboneka nk'umuntu ashobora guhiganira gusubirira Jose Mourinho aherutse kwirukanwa na Tottenham, umurwi Parker yamazemwo imyaka ibiri nk'umukinyi. (Football Insider) Umumenyereza wa Bayern Munich Hansi Flick, ubu asanzwe ari mu nzira agenda, aripfuza kumenyereza umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi mu gihe Joachim Low yogenda inyuma y'ihiganwa rya Buraya, kandi nta mugambi afise wo kuja kumenyereza Tottenham. (Sport1 - in German) Umukinyi w'inyuma wa Real Madrid, umunya Espagne Sergio Ramos ubu afise imyaka 35 arizeye ko ashobora kubandanya akinira uyo murwi mu kiringo c'iyindi myaka ibiri iri imbere, ni mu gihe Real imaze kumwemerera uwundi mwaka umwe inyuma y'aho amasezerano afitaniye nayo azorangirira mu ci riza. (Marca) Amasezerano umunyegori w'Umutaliyano Gianluigi Donnarumma afitaniye na AC Milan azorangira mu ci riza, umuhagarikizi wiwe Mino Raiola akaba ari mu biganiro na Juventus kugira ngo uyu mukinyi w'imyaka 22 ashobore guca asimbirayo. (Calciomercato - in Italian) Umumenyereza wa Juventus Andrea Pirlo yagize ico avuga ku bihuha bimaze igihe ku bijanye na kazoza kiwe, akavuga ko amaze kuvugana na bene uyu murwi kandi ko ata mpungenge afise ku bijanye n'akazi kiwe.. (Goal) Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta ashobora kuba yipfuza guha akaryo umukinyi wo hagati, umwongereza Joe Willock w'imyaka 21 ubu asanzwe akina muri Newcastle United iyo yatijijwe, kugira ngo yerekane ubuhinga bwiwe muri uyu murwi . (Shields Gazzette) Arteta avuga kandi ko Arsenal ""igiye kwihweza ico kibazo"" mu gihe izoba iriko yihweza ingene yogiriranira ayandi masezerano n'uwundi mwongereza, Emile Smith Rowe w'imyaka 20. (Sky Sports) Aston Villa iriko iritegura kugura umukinyi w'inyuma wa Manchester United, Umwongereza Axel Tuanzebe w'imyaka 23. (Football Insider) Umuhagarikizi w'umukinyi w'inyuma Eric Garcia wa Espagne asanzwe akina muri Manchester City, ari hafi yo gushika ku masezerano ashobora gutuma uyu mukinyi w'imyaka 20 aja gukinira Barcelona ata kirinze gusabwa, ni mu gihe amasezerano afitaniye na city azoba arangiye mu ci riza. (Mundo Deportivo)" https://www.bbc.com/gahuza/imikino-56961515 +sports Adama Traore akinira Wolves ategerezwa guhitamwo hagati ya Espagne na Mali "Umukinyi w'imbere ku ruhande rw'iburyo muri Wolverhampton Wanderers, Adama Traoré, yaratumweko ku munsi wa gatanu n'umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu wa Espagne, Luis Enrique, aho rero ni mu gihe hari haciye iminsi itatu Mali nayo imutumyeko. Traore, uyu mukinyi yavukiye i Barcelone muri Espagne ku bavyeyi bakomoka muri Mali, ariko araronderwa n'imirwi nserukirabihugu y'ibi bihugu vyompi kuva mu mezi 18 arangiye. Ku myaka 24, afise uburenganzira bwo guhitamwo igihugu yipfuza hagati y'ibi bibiri, kubera atarigera akinira umurwi n'umwe w'abakuze ku rwego mpuzamakungu. Aramaze gutumwako incuro zibiri Espagne, ariko biba ngombwa ko avamwo mu mwaka uheze kubera imvune, hanyuma no mu kw'icenda uno mwaka kubera yari yanduye Covid-19. Abajijwe ku kibazo ca Traore, umumenyereza Enrique yishuye ati: ""Ubu rero arashobora gukina kuko ni incuro igira gatatu atumweko"". ""Ndipfuza cane kumubona mu murwi nserukiragihugu wa Espagne. Nayo ku vyerekeye ko yatumweko na Mali, ni ah'iwe gufata ingingo"". ""Ariko ku vyo nzi, aripfuza gukina iwacu, ariko ni ingingo yiwe ubwiwe kandi turubahiriza ingingo ziba zifashwe n'abakinyi ku bibazo nk'ibi"". Gushika ubu, Traore ntaragira ico ashikirije ku bijanye no guhamagarwa n'imirwi ibiri, n'aho abihweza ibintu n'ibindi mu bijanye n'umupira w'amaguru babona ko amahirwe menshi ari uko ahitamwo Espagne. Mu gihe Traore yokinira Espagne mu rukino rumwe gusa mu nkino zimirije mw'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ya Bulaya, aho Espanye izohura n'Ubuswisi ku wa 10 z'uku, hanyuma na Ukraine haciye iminsi itatu, aho bizoba birangiye, ntazoshobora guhindura umurwi. Mali irarindiriye kandi ingingo izofatwa n'uwahoze ari umukinyi mpuzamakungu w'Ubufaransa, Abdoulaye Doucoure aherutse kwinjira muri Everton muri kano karuhuko k'inkino mpuzamakungu. Ariko rero hagize umwe mu bakinyi akinira Mali, aho arafise uburenganzira bwo guhindura, kuko kino gihugu ca Afrika citeze gukina urukino rwa kivandimwe. Nk'uko amategeko ya FIFA abivuga, abakinyi barengeje imyaka 21 barinze bakinira igihugu kanaka mw'ihiganwa ryo ku rwego mpuzamakungu mu bakuze, ntibashobora gukinira ikindi gihugu. Hagati aho, iyi ngingo iherutse guhindurwa mu nama ya FIFA mu kwezi guheze isanzwe iba buri mwaka, bafatiye ku ciyumviro cari catanzwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Maroc. Rero kuva ubu, abakinyi batararenza imyaka 21 barashobora guhindura igihugu bakinira iyo batarashobora gukina inkino zirenga zitatu. Hanyuma kandi, iyo umukinyi arinze akinira igihugu mu nkino za nyuma z'igikombe c'isi canke ku rwego rw'umugabane, nk'akarorero, igikombe c'imirwi nserukirabihugu ca Afrika, ntashobora guhindura igihugu. Ariko iyi ngingo ntikora iyo amaze gukina gusa mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja muri ayo mahiganwa mpuzamakungu." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-54418833 +sports France: Karim Benzema yagarutse mu mugwi nserukiragihugu inyuma y'imyaka itanu "Umukinyi w'imbere wa Real Madrid, Karim Benzema ari ku rutonde rw'abakinyi 26 bahamagawe n'Ubufaransa mu nkino z'igikombe ca Buraya co muri iri ci inyuma y'imyaka yababa itandatu. Ntiyari bwakinire igihugu ciwe kuva mu 2015 kuva yagirijwe gushaka gucafuza mugenzi we bakinana mu mugwi w'Ubufaransa. Benzema w'imyaka 33 ntiyagiye mu nkino za Buraya zabereye mu Bufaransa mu 2016 hamwe n'igikombe c'isi yose catahukanywe n'ico gihugu mu 2018 kubera ivyo yagirizwa. Mu kwezi kwa mbere mu 2021, umushingwamanza w'umufaransa yamenyesheje ko Benzema ashobora gushikirizwa ubutungane. Yagirizwa kuriha abantu kugira bibe amahera ku ruyeri umukinyi wo hagati w'Ubufaransa, Mathieu Valbuena w'imyaka 36, mu kumutera ubwoba ko bashira ahabona amafoto yiwe y'ibiterasoni, ariko we akavugako ari umupolisi yamukoresheje mu buryo bumaramaje mu kugira akore ivyo. Inyuma yo kwemezwa ko Benzema yahamagawe mu mugwi, umumenyereza w'Ubufaransa Didier Deschamps yavuze ati: ""Igikomeye cane ni uyu musi n'ejo. ""Harabaye intambwe zihambaye. Twarabonanye. Twaraganiriye cane. Narifumviriye cane kugira mfate iyi ngingo. Nta co nshobora kuvuga kuvyo twaganiriye biraba twebwe gusa. Nari ndabikeneye, na we yarabikeneye."" Hugo Lloris na Moussa Sissoko bo muri Tottenham Hotspur, umukinyi w'inyuma wa Everton Lucas Digne, umukinyi wa Chelsea Kurt Zouma, Olivier Giroud na N'Golo Kante hamwe na Paul Pogba ba Manchester United bose bari kuri urwo rutonde" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57172758 +sports Benjamin Mendy wa Man City basanze yera ku caha co gufata ku nguvu Umucamanza yejeje umukinyi wa Manchester City, Benjamin Mendy, ku caha kimwe co gufata ku nguvu yagirizwa. Mendy w’imyaka 28 yambitswe izera kuri sentare Chester Crown Court ku caha yagirizwa co gufata ku nguvu umugore w’imyaka 19 muhira iwe i Prestbury, Cheshire, ku wa 24 Mukakaro (7) umwaka uheze. Uwo bagirizwa hamwe Louis Saha Matturie (atandukanye na Louis Laurent Saha yakinira Man U) w’imyaka 41 nawe nyene yejejwe ku vyaha bibiri yagirizwa vyo gufata ku nguvu uyo mugore nyene. Hagati aho, baracaburanywa ku bindi vyaha bishingiye ku gitsina, ariko bompi bakaba bavyiyamiriza. Matturie w’i Eccles, Salford, yejejwe kandi ikindi caha kimwe c’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye uyo mugore nyene. Ejo ku wa kabiri, umucamanza Stephen Everett yategetse umurwi w’abacamanza bariko barababuranya ko babeza kuri ivyo vyaha inyuma y’aho ubushikirizamanza bunaniwe no kwerekana ivyemezo, mbere ivyemezo vy’uko ata vyaba bagirizwa bikaba vyari vyaratanzwe. Yari yagabishije abacamanza ko batokwiteza utunyoni barondera impamvu ubushikirizamanza bwafashe ingingo yo kutabandanya barondera kubashirako ivyaha, kandi ko bobandanya bababuranisha “badahengamye” ku vyaha bitari bike bagikurikiranwako. Imbere y’aho, igihe avuga ko yafashwe ku nguvu, abacamanza babwiwe ko hari videwo y’umugore yariko “ararangura amabanga y’abubatse” yaryohewe cane na Matturie. Urubanza rwaciye rwunguruzwa hanyuma abacamanza basubiye gusasa, abashikirizamanza babwiye sentare ko ata vyemezo bakirondera ku vyaha bagirizwa bifatiye ku gitsina harimwo ivy’umugore w’imyaka 19. Icaha co gufata ku nguvu Mendy yagirizwa gifitaniye isano n’ivyabaye kuri Matturie igihe umugore yavuze ko yikanguye asanga uyu mukinyi w’umupira ariko aramusambanya ku nguvu. Mendy aracaburaywa ku vyaha bindi indwi kimwe co kugerageza gufata ku nguvu, hamwe n’ikindi kimwe c’ikubagura rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abagore batandatu. Abashikirizamanza bavuga ko Mendy yari “ikiryanyi cagize ubuhizi ukwiruka inyuma y’abagore kugira kibasambaye”. Matturie, umugenzi w’uyu mukinyi akaba ari na we amufasha, yagirizwa ko yahawe akazi ko kumuronderera abagore asambanya. Arahakana ivyaha bitandatu vyo gufata ku nguvu yagirizwa hamwe n’ibindi bitatu vy’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abagore indwi. Aba bagabo bompi bavuga ko nimba harabaye ivyo guhuza ibitsina n’abo bagore canke abakobwa vyabaye ku mwumvikano. Urubanza rurabandanya. https://www.bbc.com/gahuza/articles/c2j472vex84o +sports Real Madrid 3-1 Liverpool: Jurgen Klopp ati 'Twaborohereje cane' "Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko uyu murwi ""worohereje cane"" Real Madrid bituma utsindwa muri runo rukino rwa mbere rw'igice ca kane gishira ica nyuma. Hagati aho, avuga ko igitsindo ca Mohamed Salah giha agahengwe Liverpool mu rukino rwo gusubiriza rutegekanijwe mu ndwi iza kuri Anfield, ikibuga ca Liverpool. N'aho itari ifise umukinyi wayo w'inyuma, Sergio Ramos, Real Madrid yaravyifashemwo neza cane kubera ubuhinga bw'abasatirizi bayo. Igice ca mbere c'uru rukino ni co cabaye inkorabara kuri Liverpool, igihe Vinicius Junior yinjirije igitsindo ku mupira yahawe na Tony Kroos awutereye kure cane, Marco Asensio nawe akinjiza ica kabiri kw'ikosa ryakozwe n'umukinyi w'inyuma Trent Alexander-Arnold. Liverpool yarinanase mu gice ca kabiri, maze Mohamed Salah atsinda igitsindo kimwe rudende cagaruye icizere. Hagati aho, hasigaye iminota 25 ngo urukino rurangire, wa wundi nyene yinjiza ica mbere, Vinicius, yateye ica kabiri, ibizotuma ibintu bitoroha mu rukino rwo ku wa 14 z'uku kwa kane ku kibuga ca Anfield, ruzokinwa ata bafana bari mu kibuga ngo batere intege Liverpool. Mu kiganiro na televiziyo BT Sport yo mu Bwongereza, Klopp yavuze ati: ""Ushaka gukina igice ca kabiri [demi-finale], utegerezwa kurondera uburenganzira bwo gushikayo. Twananiwe, cane cane mu gice ca mbere c'urukino"". ""Ntitwakinye neza nk'uko twategerezwa kugira ngo dusatire Real Madrid. Twaborohereje cane"". ""Ikintu kimwe conyene novuga, turetse igitsindo twaronse, ni uko uru rukino ari igice ca mbere. Nta kintu kinini twari twiteze ariko kirya gitsindo kiraduha icizere"". Ku wa gatandatu w'indwi iheze, mu mukino wa Premier League, Liverpool yaranyagiye umurwi wa Arsenal 3-0, mu rukino bamwe babona ko ari icemezo ko yasubiranye itoto inyuma y'igihe ibintu bitameze neza. Ariko urukino rwa nijoro, rwarerekanye ko ataho irashika kuko yarushijwe bimwe biboneka, aho vyabonetse ko batakaza umupira cane basatiriwe na Real. Igitsindo ca Salah catanze umwizero ko kumbure Liverpool yashobora kuronka n'ibindi, igatsinda urukino canke ikanganya, ariko vyaranse. Igitsindo ca gatatu ca Real caravyumyuye, kuko caciye intege Liverpool itegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo ifate ibintu mu minwe mu rukino rwo mu ndwi iza. Kugira ngo izoshobore kubandanya mu gice ca kabiri, ni uko Liverpool izokwerekana inguvu zidasanzwe nk'izo yekeranye mu 2019, igihe yirahira Barcelona mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, igakurayo ibitsindo bitatu vyose ku busa yari yatewe mu rukino rwa mbere, ikaninjiza ica kane, maze Barcelona iba irasezeye ihiganwa mu vyo itari yiteze. Ariko ni ibintu bitazoba vyoroshe na gato, na rirya Real Madrid itarigera itsindwa na rimwe kuva mu kwa mbere, ikaba ifise n'uyu mumenyereza Zinedine Zidane amenyereye cane iri higanwa rya Champions League, abatari bake bibuka ko hagati ya 2016 na 2018 yatsindiye iri higanwa incuro zitatu yikurikiranya. Kandi noneho Real yaraye yerekanye ko ari umurwi utoroshe n'aho abakinyi b'inyuma bayo babiri batarimwo, ari bo Sergio Ramos yavunitse, hamwe na Raphaël Varane aherutse kwandura ca kiza ca Covid-19, n'aho na Liverpool ibuze ivyugazo vyayo Virgil van Dijk na Joe Gomez." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-56658843 +sports Dikembe Mutombo: Icamamare muri NBA ariko aravurwa ikivyimba mu bwonko "Dikembe Mutombo yatwaye agashimwe ka All-Star muri NBA incuro umunani ariko aravurwa ikivyimba co mu bwonko. Uwo mukinyi  w’imyaka 56 yavukiye muri Repuburika ye Demolrasi ya Congo (RDC) yamaze imyaka 18 akina mw'ihiganwa rya basketball rya NBA, mu migwi ya Denver Nuggets, Atlanta Hawks na Houston Rockets. Muri Hawks uwo mukinyi yambara nomero 55 yafashe ikiruhuko c’iza bukuru mu 2015 – uwo mwaka nyene aca yinjizwa muri Hall of Fame [inzu ndangabuzima y‘ivyamamare muri uwo mukino] – mu nyuma Nuggets nabo baca barakurikira. Itangazo rya NBA rivuga ko ""ariko aritabwaho mu buryo bwose bushoboka n’umugwi ufashanya w’abaganga b’abahinga i Atlanta kandi akaba yerekana ko afise ireme ubwo yatanguye kuvurwa."" ""Dikembe n‘umuryango wiwe basaba kurekerwa ubuzima bwabo bwite kugira baronke umwanya wo kumwitaho. Barashima cane ibisabisho vyanyu n’ivyifuzo vyiza."" Mutombo wa 2,18m z’uburebure yabonywe igihe yariko ariga kuri kaminuza ya Georgetown. Ku buhinga bwiwe bwo kuzibira imipira [y’abashaka kwinjiza], yabaye umukinyi wa mbere mu kuzibira imipira muri NBA mu biringo bitanu bikurikirana vy’inkino n’imipira izibiwe mu rukino rumwe mu biringo bitatu bikurikirana. Yarakinye kandi muri Philadelphia 76ers, New Jersey Nets na New York Knicks hanyuma aza ubugira kabiri ku rutonde rw’abazibiye imipira cane muri NBA mu nkino z’umwuga igihe yafata ikuruhuko c’izabukuru mu 2011. Hamwe no kuba intumwa (ambassadeur) ya NBA kw’isi, Mutombo yaranakoze ibikorwa vy’ugufasha kuva ahagaritse gukina nk’umwuga. Mu vyo yakoze harimwo guha uburyo ibitaro i Kinshasa, umurwa mukuru wa RDC." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cqvw42jpxg8o +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Trippier, Koulibaly, Barella, Areola, Griezmann, Bellerin, Tielemans Umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza na Atletico Madrid Kieran Trippier w'imyaka 30 aripfuza gusubira muri Premier League ubu akaba arindiriye kwimukira muri Manchester United. (Telegraph - subscription needed) Everton yatanguye kuvugana n'umukinyi w'inyuma wa Napoli umunya Senegal Kalidou Koulibaly w'imyaka 30, akaba avugwa ko ari umwe mu baronderwa cane n'umumenyereza mushasha Rafa Benitez . (Calciomercato) Liverpool ivugwa ko iriko irategura igifovya c'amadorari hafi 83 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo ishobore kugura umukinyi wo hagati wa Inter Milan n'umurwi nserukiragihugu w'Ubutaliyano uherutse gutahukana Euro 2020 , Nicolo Barella w'imyaka 24. (La Repubblica) Liverpool ishobora gutanga Divock Origi canke Xherdan Shaqiri kugira ngo ishobore kuronka Saul Niguez akina muri Atletico Madrid. (Daily Express) Chelsea irashaka guha Borussia Dortmund umusatirizi w'umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 23 mu masezerano yoyishoboza kugura umusatirizi wa Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20. (Mirror) West Ham iri hafi yo gushika ku masezerano y'intizo, ariko igashobora no kuzogura umunyegori wa Paris St-Germain umufaransa Alphonse Areola w'imyaka 28. (Evening Standard) Umukinyi w'inyuma wa Arsenal umunya Espagne Hector Bellerin ntarashobora kwumvikana na Inter Milan n'aho ari wo murwi uhabwa amahirwe menshi yo gutahukakana uyu mukinyi w'imyaka 26. (Football.london) Hagati aho, umukinyi wo hagati w'aba ba Gunners Joe Willock w'imyaka 21 avugwa ko yoba yabwiye uwu murwi wiwe ko yipfuza gusubira muri Newcastle nk'intizo mu kiringo w'uwundi mwaka w'inkino buca utangura. (Daily Express) Ariko, umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta avuga ko Emile Smith Rowe adashobora kugurishwa muri rino ci n'aho Aston Villa ivugwa ko imushaka cane. (HITC) Leicester City yagiriraniye amasezerano mashasha y'igihe kirekire n'umubirigi Youri Tielemans w'imyaka 24, kandi ifise icizere ko uyu mukinyi wo hagati azoguma muri uyu murwi n'aho Liverpool imwipfuza. (Telegraph - subscription needed) Hagati aho, umunyegori wa Liverpool Alisson ari hafi yo gutera igikumu ku masezerano mashasha n'uyu murwi. (HITC via Here We Go Podcast) Barcelona isa n'iyamaze gushika ku masezerano yo kurungika umusatirizi wayo w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30 mu murwi wa Atletico Madrid yahoze akinira, maze nawo ukayiha umukinyi wo hagati, umunnya Espagne Saul Niguez w'imyaka 26. (Mail) Tottenham ni umwe mu mirwi ine ya Premier League yipfuza kugura umusatirizi wa Schalke, umunyamerika Matthew Hoppe w'imyaka 20 yashoboye kwinjiza ibitsindo bitandatu muri uyu murwi wo mw'ihiganwa Bundesliga ry'Ubudagi mu mwaka w'inkino urangiye. (The Boot Room) Umukinyi w'inyuma Brandon Williams w'imyaka 20, bishobora kunanirana ko atizwa mu murwi Southampton kubera amafaranga asabwa n'umurwi wiwe wa Manchester United. (talkSPORT) Umumenyereza wa Roma Jose Mourinho ashobora kwerekeza amaso i Old Trafford mu ntumbero yo gukomeza umurwi wiwe, uyu yahoze amenyereza Man United akaba ariko araraba ingene yoronka umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfi, umunya Brésil Alex Telles w'imyaka 28, kugira ngo ashobore gusubirira Leonardo Spinazzola aherutse kuvunika. (Daily Star) Arsenal iboneka ko idashobora kuronka umusatirizi wa PSV Eindhoven, umunya Hollande Donyell Malen w'imyaka 22, inyuma y'aho yemereye ko ashobora kwimukira muri Borussia Dortmund kugira ngo asubirire Jadon Sancho. (Just Arsenal via Sports Bild) Tottenham iri hafi yo kugura umukinyi w'inyuma wa Bologna, umuyapani Takehiro Tomiyasu w'imyaka 22 ku giciro gishobora kwababa imiriyoni 20 z'amadorari y'abanyamerika hariko n'utundi turusho. (The Athletic - subscription needed) Umukinyi wo hagati aronderwa na Newcastle umufaransa Boubacar Kamara w'imyaka 21 yanse gutera igikumu ku yandi masezerano n'umurwi wiwe wa Marseille. Aba Magpies bashobora kuba bariko bararondera kuzana uyu mukinyi ku miriyoni yababa 20 y'amadorari y'abanyamerika. (HITC via Alfredo Pedulla) Leeds United ihanganye n'umurwi utavuzwe izina wa Premier League, hamwe n'uwundi wo muri La Liga muri Espagne, mu rugamba rwo kurondera umunyegori wa Norvège Kristoffer Klaesson w'imyaka 20 asanzwe asamira Valerenga wo muri Norvège. (Mirror) https://www.bbc.com/gahuza/imikino-57846104 +sports CECAFA: Uganda yatsinze u Burundi mu guhiganira ikibanza ca 3 "Umurwi nserukiragihugu w'u Burundi w'abigeme uyu munsi watsinzwe n'umurwi nserukiragihugu wa Uganda mu rukino rw'uguhiganirwa ikibanza ca gatatu mw'ihiganwa rya CECAFA y'abigeme ryabera muri Tanzania. Urukino rwarangiye Uganda itsinze ibitsindo bibiri ku busa bw'u Burundi. Umumenyereza w'umurwi w'u Burundi avuga ko ashima ingene abakinyi biwe bitanze batiziganya n'aho batsinze. Kuri uyu wa mbere niho haba inkino za nyuma z'ihiganwa CECAFA rihuza imirwi nserukirabihugu y'abigeme i Dar es Salaam. Igitsindo ca mbere ca Uganda cagiye kuboneka ku munota wa 61 cinjijwe na Aminah Nababi , ica kabiri kiboneka ku munota wa 81 gitewe na Shamirah Nalujja. Daniella Nibimenya asanzwe amenyereza abakinyi b'u Burundi ati: ""Twari twiteze ko dushobora gutahana ikibanza ca gatatu, ariko ntivyakunze. Hagati aho, abakinyi banje bakinye neza kuvyo ntari niteze"". Ku ruhande rw'umurwi wa Uganda, ni umunezero ku mumenyereza w'umurwi wayo, Faridah Bulega, avuga ko hagati aho batarondera ikibanza ca gatatu. Ati: ""Umuntu arategura ivyiwe, Imana nayo igategura ivyayo. Twebwe twari twiteguriye guheza turi aba mbere, ariko Imana nayo yashimye ko turangiza turi aba gatatu"". Muri iryo higanwa ryatanguye ku wa 16 z'uku kwezi kw'icumi na rimwe, Uburundi bwari mu murwi B kumwe na Tanzania, Sudani y'Epfo, na Zanzibar. U Burundi bukaba bwarashoboye gutsinda ibihugu vya Zanzibar na Sudani y'Epfo. Umurwi nserukiragihugu wa Kenya niwo utahukanenye igikombe c'iryo higanwa inyuma y'ugutsinda umurwi wa Tanzania ibitsindo 2-0 mu rukino rwari rwatanguye isaha cumi mu masaha ya Dar es Salaam." https://www.bbc.com/gahuza/50550365 +sports Marcus Rashford wa Man U yaraye atyojwe ku mbuga hwaniro kubera ibara y'urukoba rwiwe "Umusatirizi wa Manchester United Marcus Rashford avuga ko yaraye ahuye n'ikibazo c'ihohotera rishingiye ku rukoba mw'ijoro ry'ejo ku wa gatandatu. Uyu mukinyi w'imyaka 22 aherutse kuronswa agashimwe ku gikorwa yakoze co kurwanya ubukene bw'imfungurwa mu bana, yaronse ubutumwa bwinshi bw'ivangura rishingiye ku rukoba bumutuka ku rubuga rwa Instagram ejo k uwa gatandatu. Ubu butumwa yaburungikiwe inyuma y'urukino rwahuje umurwi wiwe na Arsenal rukarangira ari 0-0. Aciye kuri Twitter yanditse ati: ""Ndi umwirabure kandi imisi yose nama ndavyishimira"". ""Nta n'umwe, canke amajambo ayo ari yo yose yovuga, ashobora kuntuma niyumva ukundi. Nimba washaka kwumva amajambo akomeye hano, wihangane, hano nta na kimwe unyumvako"". ""Nta mashusho y'ubu butumwa (screenshots) ndakwereka. Gukora ibi kwoba ari ukwisuzuguza kandi nk'uko ubizi nta gishasha kirimwo"". ""Mfise abana beza b'amabara atandukanye bankurikira kandi ibi ntavyo bakeneye gusoma. Amabara meza akeneye guhimbazwa"". Mu kiganiro c'umwihwezo w'urukino rw'umusi (Match of the Day), Ian Wright yahoze ari umusatirizi wa Arsenal n'Ubwongereza, yavuze ko abategetsi n'amakompanyi y'imbuga hwaniro bakwiye gukora ibishoboka kugira bamenye abakoze ivyo. Avuga ati: ""Umengo ni ibisanzwe ko mu gihe umwirabure akinye nabi - canke bakaba ariko bavyibaza - baca batangura kuvuga aya muhe. Hariho uburyo bwo gufata abantu. Ntibari maso bihagije, nta na gato"". ""Ni ikintu bategerezwa gukorana [abategetsi n'imbuga hwaniro]. Ariko rero wibaza ko bavyitaho""? Jermaine Jenas yahoze akina hagati mu mirwi ya Tottenham, Newcastle n'Ubwongereza, yongerako ati: ""Izi mbuga, jewe nkeneye ko zinyereka aba bantu kandi zikatubwira ico ziriko zirakora kugira zirengutse aba bantu imbere y'ubutungane. Kuri abo babaza igituma tubandanya dupfukama, ngira barabibonye"". Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza rishimangira ko ryiyemeje kurwanya ivangura iryo ari ryo ryose. Itangazo ryasohoye rigira riti: ""Twese mu mupira w'amaguru dufatanye mu nda mu kwiyamiriza ivangura iryo ari ryo ryose. Ibi ntawushobora kuvyihanganira aho ari ho hose mu gihugu cacu"". ""Tuzobandanya dukorana n'abo bose babifisemwo uruhara, reta n'imbuga ntangamakuru kugira turwanye ivangura - eka n'ibindi vyose vyorikomokako - mu rukino rwacu"". Ejo ku wa gatandatu nyene, umugabo umwe yarahagaritswe inyuma y'ubutumwa bw'ivangura rishingiye ku rukoba yarungikiye umukinyi wo hagati wa West Bromwich Albion, Romaine Sawyers. Ku wa gatanu naho, Chelsea yavuze ko ""yababaye cane"" inyuma y'aho umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i buryo Reece James, atyogerejwe ku mbuga hwaniro kubera ari umwirabure. Ku wa gatatu, abandi bakinyi basanzwe bakinana na Rashford, ari bo Axel Tuanzebe na Anthony Martial baratyogejwe ku mbuga hwaniro nyene kubera ibara ry'urukoba rwabo, inyuma y'aho umurwi wabo Man U utsindiwe na Sheffield United. Ku wa mbere w'iyi ndwi, reta y'Ubwongereza yaragiriraniye ibiganiro n'abahoze ari abakinyi, co kimwe n'abakiri abakinyi, ku kungene ivangura n'ihohotera rishingiye ku rukora vyotuzwa." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55876573 +sports Uefa Euro 2020 itangura uno munsi: Ibi ni ivyankenerwa womenya kuri iri higanwa ribaye ritevye Ihiganwa ry'umupira w'amagaru Euro 2020 riratangura kuri uno wa Gatanu - mu gihe n'ubundi ryobaye ihiganwa ridasanzwe, rizokwitandukanya n'ayandi ku mpamvu nyinshi. Iri higanwa ryagumanye izina ryaryo naho ryigijwe inyuma umwaka umwe kubera ikiza ca Covid-19. Ubu rizoba kuva itariki 11 z'ukwa gatandatu gushika 11 z'ukw'indwi, ribere mu bihugu 11, bitandukanijwe n'ibirometero 4.766. Ni ihiganwa rya mbere rikomeye mu rwego rw'abagabo ku gihugu ca Scotland kuva mu 1998, mu gihe Ubwongereza bushora kwungukira mu gukiniria muhira hafi y'inkino zabwo zose, nayo Wales ikaba igiye muri Euros ubugira kabiri yikurikiranya. Ubwongereza na Scotland, biri mu mugwi umwe, ni bibiri mu bihugu vyakiriye izi nkino zo ku rwego rwa Buraya, za mbere zibereye hirya no hino kuri uyu mugabane. Ni ihiganwa rya mbere rikomeye ku rwego rw'abagabo ribereye ku butaka bw'Ubwongereza kuva igihe ca Euro 1996. Ihiganwa riratanguzwa n'urukino hagati y'Ubutaliyano na Turkiya rubera i Roma kuri uyu wa gatanu itariki 11 z'ukwa gatandatu (19:00 ku saha mpuzamakungu), rizoheraherezwe i Wembley mu muji wa London kuwa Mungu itariki 11 z'ukw'indwi. Iyindi miji izokwakira izi nkino ni Glasgow, Amsterdam, Baku, Bucharest, Budapest, Copenhagen, St Petersburg, Munich, Rome na Seville. Haritezwe abarorerezi mu nkino zose 51. Inkino zobereye i Dublin zimuriwe i St Petersburg hamwe na Longon, imiji isanzwe izokwakira inkino z'iri higanwa, nayo izobereye i Bilbao zajanywe i Seville - kuko ata n'umwe muri iyo miji yari kwizeza yuko izokwemerera abarorerezi kwinjira mu bibuba. Abarorerezi benshi kurusha ahandi bitezwe ku kibuga ca Puskas Arena i Budapest - gisanzwe cakira abarorerezi 68.000 - gitegekanya kuzokwakira 100% vy'abarorerezi gishobora kwakira. Ibibuga vya Wembley Stadium na Hampden Park bitegekanya kwakira 25% vy'abo bishobora kwakira - ni kuvuga abantu 25.000 na 12.000 nk'uko bikurikirana. Wembley izokwakira inkino z'ica kabiri gishira icanyuma hamwe n'inkino zanyuma, ishobora kuzokwongera igitigiri c'abarorerezi uko inkino zizoja ziraba. Kwuzuza ibibanza vyayo vyose 90.000 ni ibintu bishobora kuzoshika ku rukino rwa nyuma, mu gihe ingingo zo kwirinda Covid zose zokurwako ku tariki 21 z'ukwa gatandatu. Ahandi, i St Petersburg na Baku, bazokwakira 50% vy'abashobora kwinjira bose, nayo iyindi miji - Amsterdam, Bucharest, Copenhagen, Munich, Rome na Seville - yakire hagati ya 22% na 45%. Ingingo ku gitigiri c'abarorerezi bashobora kwinjira yafashwe n'uturere/intara ukwavyo, si ingingo yafashwe na Uefa. Ibihumbi vy'abarorerezi bari baraguze amatike mu 2019 - amatike yabo yahinduwe impfagusa banasubizwa amafaranga kubera abantu bake ibibuga bizoshobora kwakira. Ariko abagize amahirwe yo kugumana amatike yabo bazoba bafise izindi ntambamyi nkeyi zo gukura mu nzira imbere y'uko baja kuraba inkino. Buri muji ufise amategeko yawo - ariko abafana bazotegerezwa kwambara udupfukamunwa mu nkino zose (kiretse bafise urupapuro rwa Muganga rubemerera kutatwambara). Hazoba kandi hari imiti yo gukaraba intoke hose ku kibuga kandi abarorerezi bazosabwa kuguma mu bibanza vyabo uko bishoboka kwose kugira birinde kwegerana cane. Glasgow, Munich na Baku ntibaremeza niba bizokenerwa kwipimisha imbere yo kwinjira mu kibuga - ariko ivyo birashobora guhinduka. Kuva i Seville mu burengero bw'umugabane wa Buraya gushika i Baku iri mu buseruko ku birometero 4.766, ni urugendo rurerure ruzokenera gufata indege kenshi muri iri higanwa rya Euro 2020 - yaba ku bakinyi canke ku bihumbi vy'abarorerezi bazoba bashaka gushigikira amakipe yabo. Kubera ingingo zo gukumira Covid bisigura yuko indege zizoba ari nkeyi cane ugereranije n'uko vyari vyitezwe aho haharurwa ingendo z'indege imiriyoni zibiri z'inyongera kubera iri higanwa, ariko naho nyene zizoba ari nyinshi. Abarorerezi b'Ubusuwisi bashobora kuzokora urugenro rw'ibirometero 20.000 - harimwo ingendo zitatu i Baku zirimwo kugenda no kugaruka hagati canke mu burengero bwa Buraya. Hari kandi no kwibaza niba koko ari nkenerwa guhimiriza abarorerezi b'ibihugu 24 kugendera ibihugu vyoshika nka bitanu mu kiringo c'ukwezi kumwe kandi hasanzwe hari ikiza ca Covid. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57444279 +sports Erik ten Hag: Manchester United yagenye uwahora amenyereza Ajax nk'umumenyereza mushasha "Manchester United yagenye uwahora amenyereza Ajax, Erik Ten Hag nk'umumenyereza mushasha. Uwo muholande w'imyaka 52, agiye gusubirira umumenyereza mfatakibanza Ralf Rangnick mu mpera ry'iri higanwa, mu kiringo c'imyaka itatu, ashobora kwongerwako uwundi mwaka. Rangnick, yari yasubiriye Ole Gunnar Solskjaer yirukanywe mu kwezi kwa cumi na rimwe, bitegekanijwe ko aja mu kibanza c'umujenama. Ten Hag azoba abaye umumenyereza wa Man Utd agira gatanu inyuma y'aho Sir Alex Ferguson afatiye akaruhuko k'iza bukuru mu 2013. Ten Hag yagize ati: ""Ni iteka rikomeye kuri jewe kugenwa kuba umumenyereza wa Manchester United kandi nkaba niteguriye n'ibikorwa biri imbere bindindiriye. ""Ndazi kahise k'uyu mugwi w'igihangange n'inyota y'abafana, nkaba rero niteguriye cane guteza imbere uyu mugwi kugira ushike ku ntambwe ukwiriye."" Umugwi wa United uri mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa rya 'Premier League' mu gihe hasigaye inkino zitanu muri uyu mwaka, amanota atatu inyuma ya Tottenham, uri mu kibanza ca kane. Ajax iri mu kibanza ca mbere mw'ihiganwa ryo muri Hollande - ikaba irusha amanota ane PSV Eindhoven - ikaba inasigaje gukina inkino zitanu, n'aho batsinzwe n'abakeba babo mu rukino rw'igikombe c'ico gihugu. Ten Hag, yamenyereje Ajax kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017, yarabashikanye mu nkino z'igikombe c'ibihugu vya Buraya, atwara n'ibikombe bibiri mu 2018-19 hamwe na 2020-21. Bashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe ca Buraya mu 2018-19, habura gato ngo baje mu nkino za nyuma, bivuye kuri Tottenham yaciye igombora. Itorwa rya Ten Hag ryahora rinuganugwa co kimwe n'umumenyereza wa Paris St-Germain Mauricio Pochettino, inyuma y'ayo n'uwa Seville Julen Lopetegui ashiriwe mu majwi. Vyitezwe ko Ten Hag azana uwahoze ari umumenyereza canke umukinyi wa United kumufasha, na cane cane ko uwari asigaye afitaniye isano na Solskjaer, Mike Phelan, ashobora kutaguma muri uwo mugwi. Solskjaer yirukanywe bivuye ku rukino Manchester United yatsinzwemwo na Watford 4-1 rwatumye uwo mugwi umanuka mu kibanza c'indwi. Kuva Rangnick ashikiriye uwo mugwi itariki 3 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, United yari imaze gutsinda incuro icenda, inganya incuro zitandatu, itsindwa incuro 19." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61180059 +sports Chelsea: Romelu Lukaku yasavye imbabazi akaba yagarutse mu bandi bakinyi, bivugwa na Thomas Tuchel "Romelu Lukaku yasavye imbabazi akaba aza kugarukanwa ku rutonde rw'abakinyi ba Chelsea mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma ca Carabao Cup ruhuza Chelsea na Tottenham kuri uyu wa gatatu, nk'uko bivugwa n'umumenyereza Thomas Tuchel. Lukaku yashizwe ku ruhande mu rukino rwo ku wa Mungu rwa Premier League rwahuje Chelsea na Liverpool rugahera ari 2-2, ni inyuma y'amajambo yavuze mu kiganiro yagiranye n'umunyamakuru, haraciye indwi zitatu. Lukaku na Tuchel baraganiriye bashira hamwe ku wa mbere ku bijanye n'ingene uyu musatirizi yogarukanwa ku rutonde rw'abandi. Kuva ico gihe, Lukaku avuga ati ""ndasavye imbabazi ku wo noba naratirimukije"". Lukaku yabwiye ikinyamakuru ca Chelsea gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi ati: ""Nategerezwa gusobanura neza ivyo navuze"". ""Iki kiganiro cari cerekeye ingene yasezeye abafana ba Inter [Milan] , nticari cerekeye kwifatira mu gahanga abafana [ba Chelsea], abakinyi bagenzanje, umurwi n'umumenyereza. ""Bagize utwigoro twinshi kugira bangarukane hano kandi naripfuza kugaruka, Nari mu butumwa kuva ngiye, rero ndatahura agashavu k'abafana, ariko ubu ni ah'iwanje gukora uko nshoboye kwose nkerekana ko nitayeho igikorwa canje ijana kw'ijana"". Muri ico kiganiro cafashwe amajwi mu kwa cumi na kabiri, uyu mukinyi wa Chelsea yaguzwe imiriyoni zababa 132 z'amadorari y'abanyamerika, yavuze ko ""atari agononokewe"" n'ikibanza afise kuri Tuchel, kandi ko yipfuza gusubira muri Inter Milan atari kera. Ariko Lukaku, mu butumwa yahaye abafana b'uyu murwi, yongeyeko ati: ""Ndasavye imbabazi ku wo noba naratirimukije. Ni mwe muzi ubucuti mfitaniye n'uyu murwi kandi ndatahura cane kubona mwarashavuye"". ""Nticari co gihe kandi ndipfuza ko ntera nja imbere kugira ndabe ko twotangura gutsinda inkino"". Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ejo ku wa kabiri, umumenyereza Tuchel yavuze ati: ""Yasavye imbabazi kandi yagarutse hamwe n'abandi bakinyi mu myimenyerezo y'uno musi. ""Twarihaye umwanya kugira ngo tubitorere umuti. Kuri jewe, igikenewe gusumba ni ugutahura - kandi gutahura neza - ko ata gushaka kwarimwo. Ntiyabikoze n'ibigirankana kugira ngo haduke induru imbere y'urukino rukomeye"". Imbere y'uko uru rukino rwo ku wa Mungu ruba rukaza kurangira iyi mirwi yompi inganya 2-2, Tuchel yavuze ko yashize ku ruhande uyu mukinyi w'imyaka 28 kugira ngo ""imyimenyerezo igende neza"". Tuchel yongeyeko ati: ""N'imbere y'aha, igihe kuri we yabona ko yari yiteguye gukina inyuma y'imvune yari yanduye kuva mu ntango ariko twebwe tukabona ko vyari vyiza kumuha akanya kugira ngo yitegure neza, ntiyigeze yerekana inyifato mbi na ntoya ku murwi. ""Rero bwari bwo bwa mbere yiyumvira uku. Ni ngombwa gutekana mu mutima no kumenya ko ibintu bitayangaye nk'uko abantu bipfuza ko biba"". Lukaku amaze kwinjiza ibitsindo indwi mu nkino 18 amaze gukina kuva agarutse muri Chelsea avuye muri Inter Milan mu Butaliyano mu kwa munani. Yagiye ahura n'imvune hamwe n'indwara kuva asubiye i Stamford Bridge, rimwe rimwe akaba yagiye ashirwa ku ruhande n'aho ata ngorane yaba afise. Uyu mumenyereza w'aba Blues avuga ko Lukaku ""azi ivyo yakoze"", kandi ko uyu musatirizi ""yumva neza ko ari ngombwa kuri we gusubiza ibintu mu buryo"". Tuchel ati: ""Aracari umukinyi wacu, kandi dufise impamvu nziza, zifadika zo kumukinisha no kumwumvisha ko ategerezwa gukora cane""." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-59877545 +sports CECAFA: U Burundi bwaraye busezeye ihiganwa ry'igikombe ry'imrwi nserukirabihugu y'abagabo U Burundi bwaraye busezeye ihiganwa ry'igikombe ca CECAFA rihuza imirwi nserukirabihugu y'abakuze ku ruhande rw'abagabo ririko ribera mu gihugu ca Uganda, inyuma y'ugutsindwa mu nkino zine zose. Mu nkino z'imbere y'aho, Intamba zari zatsinzwe na Uganda mu rukino rwa mbere rwabaye ku wa 07/12, zitsindwa na Eritrea mu rukino rwo ku wa mbere 09/12, zitsindwa kandi na Djibuti ku wa 11/12 . N'aho ku ruhande rw'abigeme batarenza imyaka 17, u Burundi bwarirahiye Djibuti, ivyabahaye umwizero mu rukino rw'ejo ku wa Mungu. Mu rukino rw'ejo, umurwi nserukiragihugu wa Somalia watsinze Intamba mu Rugamba z'u Burundi igitsindo kimwe ku busa, catsinzwe n'umukinyi Abdulahi Omar. Muri urwo rukino , Intamba baragerageje gusatira ariko biranka, urukino rukaba rwagiye kurangira mbere basigaye ari cumi inyuma y'aho Landry Ndikumana aronkeye ikarata zibiri z'umuhondo agaca asohorwa. Mu gice ca mbere, umunyegori wa Somalia yakoze ibintu bikomeye cane aho yatewe imipira itari mike ariko arayikurayo. U Burundi nta nota na rimwe bufise, abatari bake bakabona ko umumenyereza Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola atagifise ubushobozi bwo kumenyereza uyo murwi, nk'uko bagiye babishikiriza ku mbuga hwaniro. Iryo higanwa ryatanguye ku wa 07 z'ukukw'icumi ka kabiri rikazorangira kw'igenekerezo rya 19 uku kwezi nyene. Ku rundi ruhande, mw'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu y'abagore ku batarenza imyaka 17 naryo nyene ririko ribera muri ico gihugu ca Uganda, umugwi nserukira gihugu w'abigeme, w'u Burundi waraye wihaye iteka mu gutsinda umurwi wa Djibuti ibitsindo 8-0. Lydia Karenzo yatsinze ibitsindo bitatu, Bora Ineza nawe atera bine, ikindi kikaba cagiye kwinjizwa na Neema Nzohabonayo Ni inyuma y'aho mu rukino rwa mbere, uwo murwi wari watsinzwe n'umurwi wa Uganda, ibitsindo 4-0, naho urukino rwayihuje na Tanzania ku wa gatatu rukaba rwagiye kurangira ata n'umwe usumbije uwundi. Kuri uyu wa Mungu, uyo murwi Intamba mu Rugamba w'abatarenza imyaka 17 ku ruhande rw'abagore uza gutana mu mitwe na Kenya. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50792487 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa gatanu itariki 25.06.2021: White, Malen, Grealish, Xhaka, Braithwaite, McGinn, Saliba Aston Villa baracizeye kugumana umukinyi wabo wo hagati Jack Grealish,25, aronderwa cane na Manchester City, Chelsea na Manchester United. (Athletic, subscription required) Abaserukira Grealish, na bo basaba ko ava muri uwo mugwi wa Villa, kugira ashobore kuza arahembwa pawundi imiliyoni 100 agiye mu mugwi wa Manchester City. (Sun) Arsenal iteye ku ntambwe ishimishije mu biganiro na Brighton vyo kuzana umunyegoli wo mu Bwongereza Ben White, 23, ashobora kugurwa amapawundi arenga imiliyoni 50. (Sky Sports) Uwo mugwi kandi wa Dean Smith nta mugambi ufise wo kugurisha umukinyi wo hagati wa Ecosse John McGinn, 26, muri uyu mwaka, mu gihe Liverpool iriko yiyumvira ingene yomuzana muri uwo mugwi. (Express and Star) Liverpool iri mu biganiro na PSV Eindhoven ku masezerano w'umukinyi w'imbere wa Hollande, Donyell Malen, 22, vyitezwe ko agurwa hafi imiliyoni 34 z'amapawundi. (Sky Sport Germany, via Express) Imigwi Brighton, Burnley, West Ham na Norwich City iherutse gukoroka mu misi iheze, iranuganugwa ko irondera umukinyi w'imbere wa Barcelone na Danmark Martin Braithwaite, 30. (Sport - in Spanish) Umukinyi wo hagati w'Ubufaransa William Saliba, 20 wa Aesenal aracaronderwa n'imigwi myinshi y'i Buraya, harimwo Nice yahora akinira kw'igeni mu mwaka uheze. Newcastle United, Southampton, n'imigwi yo mu Bufaransa ya Rennes, Marseille, Lille, na Bayer Leverkusen yo mu Budagi na yo iramusha. (Footmercato - in French) Umugwi wa West Ham utegura amapawundi imiliyoni 17 yo kugura umunyegoli wa Fiorentina w'imyaka 23, Nikola Milenkovic, ariko ayo mahera ari musi cane y'ayo uwo mugwi wa Serie A, kugira barekure uwo mukinyi w'umu Serbe. (Calciomercato - in Italian) Umugwi wa Burnley uriteguriye kwegeranya amahera yo kugura umunyegoli wa Werder Bremen n'igihugu ca Czech, Jiri Pavlenka w'imyaka 29. (Bild - in German) Crystal Palace barashaka kugura uwahoze amenyereza Borussia Dortmund, Lucien Favre nk'umumenyereza w'uwo mugwi mushasha. (90min) https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57610859 +sports Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Messi, Kounde, Torres, Werner, Depay "Umukuru wa Barcelona Joan Laporta avuga ko ivya Lionel Messi bitararangira muri Barcelona – inyuma y’amezi 11 uyu musatirizi wa Argentina w’imyaka 35 arangirije urugendo rw’imyaka 21 muri uyu murwi akimukira muri Paris St-Germain. (ESPN) Umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37, yasubiye mu Bwongereza akaba yiteze kugiriranira ibiganiro na Manchester United kuri kazoza kiwe muri uyo murwi. (Athletic) Ariko vyitezwe ko Ronaldo abwira  Manchester United ko ashaka kwigira, akaba ashobora kutemera ayandi masezerano. (Sun) Urugamba rwa Chelsea rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Sevilla Jules Kounde rushobora gupfa, mu gihe Barcelona ifise icizere cinshi co kuronka uyu mufaransa w’imyaka 23. (Guardian) Mu gihe vyokwanka ko Kounde yimukira muri Chelsea, ifise guca ihindukirira umukinyi wa Villarreal umunya- Espagne Pau Torres w’imyaka 25, umunya-Slovakia akina inyuma muri Inter Milan Milan Skriniar w’imyaka 27, hamwe n’umunya-Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 20 akinira RB Leipzig. Abafaransa Dayot Upamecano w’imyaka 23 be na Benjamin Pavard w’imyaka 26 bompi bakinira Bayern Munich, nabo nyene ni abakinyi b’inyuma Chelsea ishobora kurondera. (90 Min) Chelsea yemeye guha RB Leipzig umusatirizi w’umudagi Timo Werner w’imyaka 26 kugira irabe ko yokubita hasi Paris St-Germain mu rugamba rwo kurondera umufaransa akina inyuma Nordi Mukiele w’imyaka 24 muri uyo murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubudagi, Bundesliga. (Foot Mercato, iciye kuri Metro) Chelsea iriko irazibira Barcelona mu rugamba rwo kurondera abanya-Espagne bakina inyuma Marcos Alonso w’imyaka 31, na Cesar Azpilicueta w’imyaka 32 kubera uyu murwi wa Espagne uriko urayigora kuri Kounde. (Sport – mu ki Espangol) Umukinyi w’inyuma wa Sevilla umufaransa Jules Kounde w’imyaka 23 ashobora kuba yiteguye kugiriranira amasezerano na Barcelona. (Fabrizio Romano) West Ham yumvikanye n’umusatirizi w’umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka 23, bikaba vyitezwe ko afatwa ibipimo kwa muganga kuri uyu wa kabiri kugira ngo ashobore kwimukira muri uyo murwi wa Premier League ku giciro c’imiriyoni 35,5 z’amapawundi avuye muri Sassuolo. (Guardian) AC Milan iriko iraraba ko yokwongereza amafaranga ishaka gutanga ku mukinyi wo hagati wa Club Bruges, Charles de Ketelaere asanzwe aronderwa na Leeds United, mu ntumbero yo kuraba ko yoronka uyu Mubirigi w’imyaka 23. (Calciomercato – mu gitaliyano) Umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea  Hakim Ziyech nawe nyene araronderwa na AC Milan kandi uyu munya-Maroc w’imyaka 29 akaba nawe nyene yipfuza kwimukira muri uyo murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A. (Calciomercato) Lyon ivuga ko ifise ishaka ryo kwakira abipfuza umunya-Brezili akina hagati Lucas Paqueta w’imyaka 24 asanzwe aronderwa na Arsenal. (Metro) Red Bull Salzburg yishuye ku mbuga hwaniro umunya-Slovenia akina imbere Benjamin Sesko w’imyaka 19 ariko araronderwa na Manchester United mu kumubwira ko, nimba uyu murwi wa Premier League umukeneye, utegerezwa gutanga “imiriyoni zirenga 300 gushirako na Bruno"". Uyu munya-Portugal Bruno Fernandes w’imyaka 27 akina hagati, ni umwe mu bakinyi ngirakamaro cane muri Old Trafford. (RB Salzburg kuri Twitter) Liverpool iriko iraraba ko yokwemera igiciro c’imiriyoni 23 z’amapawundi gitangwa na Juventus ku musatirizi wa Brezili, Roberto Firmino w’imyaka 30. (Tuttomercato – mu gitaliyano) Umumenyereza wa Barcelona  Xavi yabwiye umusatirizi w’umunya-Hollande Memphis Depay w’imyaka 28 ko yorondera uwundi murwi inyuma y’aho ironkeye umusatirizi wa Pologne  Robert Lewandowski w’imyaka 33 be n’umunya-Brezili akina ku ruhande Raphinha w’imyaka 25. (AS - mu ki espagnol) Barcelona ntiremerera umurwi n’umwe urondera umukinyi wo hagati Frenkie de Jong, mu gihe Manchester United irondera cane uyu mukinyi w’umunya-Hollande w’imyaka 25. (ESPN) Ariko United iriko iraraba ko yorondera umunya-Serbia akina hagati muri Lazio  Sergej Milinkovic-Savic w’imyaka 27, mu kibanza ca de Jong. (Calciomercato - mu gitaliyano) Tottenham iripfuza kugurisha umufaransa akina hagati Tanguy Ndombele w’imyaka 25 ku giciro co nyaco, mu gihe Galatasaray imurondera. (Media Foot – mu gifaransa) Juventus yashize umusatirizi w’umufaransa Anthony Martial w’imyaka 26 ku rutonde rw’abakinyi ishaka kurondera, ariko Manchester United ntishaka kumugurisha. (Mirror)" https://www.bbc.com/gahuza/articles/ckmrrz6rdlmo +sports Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uyu wa kabiri: Kane, Ronaldo, Messi, Asensio, Mbappe, Silva Tottenham irashaka amasezerano mashasha n’umusatirizi wayo umwongereza Harry Kane mu ntango z’umwaka uza kandi barizeye neza ko uyu mukinyi w’imyaka 29 azotera igikumu ku yandi masezerano y’igihe kirekire n’uyu murwi. (90min) Umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi muri Bayern Munich Hasan Salihamidzic avuga ko uyu murwi wo muri Bundesliga wari usanzwe urondera Kane ata mukinyi uzogura mu kadirisha (igihe) k’igura n’igurisha ry’abakinyi ko mu kwa mbere. (Bild, iciye muri Christian Falk) Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag aripfuza kugumana umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo gushika mu mpera z’uwu mwaka w’inkino, ariko mu gihe uyu mukinyi w’imyaka 37 atokwemera gukinishwa gake, nta kundi azohabwa uburenganzira bwo kurondera uwundi murwi. (Athletic) Umusatirizi wa Bayer Leverkusen Patrik Schick wo muri Republique Tcheque afise imyaka  26, umunya Canada Jonathan David w’imyaka 22 akinira Lille hamwe n’umufaransa Moussa Dembele w’imyaka 26 kinira Lyon, nibo Ten Hag yipfuza ko bosubirira Ronaldo. (Mirror) Ronaldo ariteguriye gusubira mu Butaliyano, aho Napoli gushika ubu ikimwipfuza inyuma y’aho mu ci imenyeshereje ko imukeneye. (Sun) Chelsea ibona ko yopfuma irondera umusatirizi wa AC Milan umunya- Portugal Rafael Leao w’imyaka 23 hakurondera kugura Ronaldo. (CBS, iciye kuri Mirror) Paris St-Germain ifise impungenge ko ishobora kubandanya iriha umushahara umufaransa Kylian Mbappe. Mu masezerano ifitaniye n’uyu musatirizi w’imyaka 23, itegerezwa kumuriha imiriyoni 549 z’amapawundi mu myaka itatu – ica kane c’amafaranga yose uyu murwi ukoresha. (Sport – mu ki Espagnol, iciye kuri Le Parisien) PSG irahakana ko ibi biharuro atari vyo. (Fabrizio Romano) Chelsea iriko yiyumvira ingene yotiza umunyegori wayo, umunyamerika Gabriel Slonina w’imyaka 18 yaguze mu ci riheze ku miriyoni 12 z’amapawundi. (Evening Standard) Aba ba Blues baracipfuza kugura umurusiya akina hagati Arsen Zakharyan w’imyaka 19 asanzwe akinira Dynamo Moscow. (Sport Express, iciye kuri Metro) Antonio Conte abona ko azokenera ibiringo bitatu vy’igura n’igurishwa ry’abakinyi kugira ngo anagure umurwi wa Tottenham. (Times) Real Madrid iriteguye kwongera amasezerano yandi meza umusatirizi wayo umunya-Espagne Marco Asensio w’imyaka 26, yigeze kuronderwa na Arsenal, Liverpool be na Tottenham,  inyuma y’aho yankiye aya mbere bashaka kumuha. (Ser Deportivos iciye muri AS – mu ki Espagnol) Umukuru wa Celtic  Ange Postecoglou arahakana ibivugwa ko ashobora kwimukira mw’ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League, ni mu gihe hari amakuru avugwa ko ashobora kuronderwa na Brighton hamwe na Leicester City. (Mail) Paris St-Germain iripfuza kugumana umusatirizi wa Argentina Lionel Messi ubu ikaba iriko irategura amasezerano mashasha.(Le Parisien – mu gifaransa) Liverpool igiye guhangana na Manchester United mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Benfica, umunya-Portugal Antonio Silva w’imyaka 18. (O Jogo, iciye kuri Team Talk) Chelsea iriteguye kugena umukuru w’igisata kijejwe ubuhinga wa Monaco Laurence Stewart w’imyaka 36, mu mugambi wo kunagura igisata c’abakorana n’umumenyereza. (The Athletic) https://www.bbc.com/gahuza/articles/ck7ek8xdrleo +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Koundé, Rudiger, Ake, Modric, Ndombele, Vlahovic, Bergwijn Liverpool muri uku kwezi iriteguye gukorera ku ngingo iri mu masezerano umukinyi w'inyuma w'umufaransa Jules Koundé, w'imyaka 23, afitaniye na Sevilla, ingingo imwemerera kuva muri uyu murwi ku miriyoni zirenga 100 z'amadorari y'abanyamerika, ni mu gihe Chelsea na Real Madrid nayo nyene imwipfuza. (El Nacional via Teamtalk) Umukinyi w'inyuma wa Chelsea, umudagi Antonio Rudiger w'imyaka 28, azorangiza amasezerano afitaniye n'uyu murwi mu ci riza kandi akaba ataratera igikumu ku yandi mashasha, avugwa ko yipfuza kwimukira muri Real Madrid aho kuja muri Paris St-Germain mu gihe yoramuka avuye i Stamford Bridge. (Football London) PSG ivugwa ko yoba yemereye Rudiger umushahara w'ama euro imiriyoni indwi ata makori ariko, ayasumba ayo yemerewe n'uyo murwi wo muri Espagne. (Footmercato - in French) Umusatirizi w'umunya Uruguay Edinson Cavani, afise imyaka 34, yiyemeje kuguma muri Manchester United mu kiringo gisigaye c'ihiganwa ry'uno mwaka, ni inyuma y'ibiganiro yagiranye n'umumenyereza Ralf Rangnick. (Mirror) AC Milan iriko iraraba ingene yoronka umukinyi w'inyuma wa Manchester City, umunya Hollande Nathan Ake w'imyaka 26, ni inyuma y'aho uyo murwi wo mu Butaliyano utakarije umunya Danemark Simon Kjaer, w'imyaka 32, mu kiringo cose gisigaye c'ihiganwa ry'uno mwaka kubera imvune yo mw'ivi. (Sun) Manchester City ishobora kurondera kizigenza wa Croatia Luka Modric, w'imyaka 36, na rirya atishimiye amasezerano mashasha yemerewe na Real Madrid. Amasezerano asanzwe afitaniye n'uyu murwi wo muri Espagne azorangira mu mpera z'iri higanwa. (El Nacional, via Mail) Arsenal irafise ishaka ryo kurekura amafaranga menshi muri uku kwa mbere kugira ngo ironke umusatirizi w'umunya Serbia Dusan Vlahovic, w'imyaka 21, asanzwe akina muri Fiorentina. (Mirror) Newcastle yumvikanye ivuga ko ishaka gutanga imiriyoni zababa 68 z'amadorari y'abanyamerika kugira ironke umusatirizi wa Bayer Leverkusen, umunya République tchèque Patrik Schick, w'imyaka 25, mu gihe iriko irondera hasi hejuru umusatirizi. (Sky Sports) Paris St-Germain, AC Milan, Roma, Lyon, Barcelona na Newcastle United iri mu mirwi ishobora kuba iriko irondera umukinyi wo hagati w'umufaransa Tanguy Ndombele, w'imyaka 25, mu gihe kazoza kiwe muri Tottenham kadatomoye inyuma y'aho azomerewe n'abafana ba Spurs igihe agomborewe ku wa Mungu mu rukino rw'igice ca gatatu gishira ica nyuma c'igikombe ca FA aho uyu murwi watsinze Morecambe. (Star) Newcastle ishobora guhangana na Ajax mu rugamba rwo kurondera umunya Hollande Steven Bergwijn, w'imyaka 24, akina ku ruhande muri Tottenham, mu gihe abaserukizi biwe bariko barondera ko yopfuma atizwa mu wundi murwi. (90min) Ajax yamaze kwemera ko yotanga imiriyoni zababa 20 z'amadorari y'abanyamerika kugira ironke Bergwijn kandi ikaba yipfuza ko yoba yamuronse imbere y'uko ihura na Utrecht ku wa Mungu. (Telegraaf - in Dutch) Ibiganiro Newcastle irimwo bigeze kure kugira irabe ko yoronka umusatirizi wa Reims, umufaransa Hugo Ekitike w'imyaka 19, ku giciro kiri musi y'imiriyoni 40 z'amadorari y'abanyamerika. (90min) Icizere ca Newcastle co kuronka umukinyi w'inyuma Sven Botman, w'imyaka 21, muri uku kwa mbere gisa n'icarangiye, kubera uyu munya Hollande adashaka kwiyumvira ivyo kuva mu murwi wiwe wa Lille. Umunya Brésil Diego Carlos w'imyaka 28 akina muri Sevilla hamwe n'umufaransa Benoît Badiashile, w'imyaka 20, akina muri Monaco, baracari mu bo Newcastle ishobora kurondera muri kuno kwezi. (Athletic, subscription required) Newcastle ishobora guhindukirira umukinyi w'inyuma wa Everton, umwongereza Mason Holgate, w'imyaka 25, kugira ikomeze uruhande rw'inyuma. (Give Me Sport) Tottenham izokwihweza ibizotangwa n'abazoba barondera umwongereza akina hagati Dele Alli, w'imyaka 25, hamwe n'umunya Irlande akina inyuma Matt Doherty, w'imyaka 29, muri kuno kwa mbere. (Sky Sports) Tottenham ifata iya mbere mu ruhigi rwo kurondera umukinyi wo hagati wa AC Milan, umunya Côte d'Ivoire Franck Kessié, w'imyaka 25, azorangiza amasezerano yiwe mu ci riza. (Rudy Galetti on Twitter) Abarongoye Manchester United bavuganye ibijanye no kurondera umukinyi wo hagati wa Borussia Monchengladbach, umuswisi Denis Zakaria, w'imyaka 25, muri kuno kwezi, ariko ntibaramenyesha amafaranga bipfuza gutanga. (Fabrizio Romano) Chelsea iri mu biganiro na Lyon kugira ngo igarukane umukinyi w'inyuma wayo, umutaliyano Emerson Palmieri, w'imyaka 27, yatijijwe muri uyo murwi wo mu Bufaransa, kugira ngo ashobore gusubirira Ben Chilwell aherutse kuvunika. (Mail) West Ham iriko iraraba ingene yotira umunya Sénégal Abdou Diallo, w'imyaka 25, akina inyuma muri Paris St-Germain. (RMC Sport - in French) Umusatirizi wa Queens Park Rangers Lyndon Dykes yateye amero imirwi itari mike yo mw'ihiganwa rya Premier League, harimwo Newcastle, Burnley, Crystal Palace na Norwich City. Umurwi Rangers watsindiye ihiganwa rya Ecosse/Scotland, hamwe na Bournemouth isanzwe iri imbere mw'ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu Bwongereza (Championship), nayo nyene ivugwa ko yipfuza uyu munya-Ecosse w'imyaka 26 yavukiye muri Australia. https://www.bbc.com/gahuza/imikino-59948418 +sports Abajejwe ikipe y’Intamba mu Rugamba bavuga ko kwirukana Selemani Ndikumana ata ngorane vyateye Robert Patrick Misigaro, BBC. Selemani Ndikumana, yigeze kuba kizigenza w'Intamba mu Rugamba, akaba ari n'umwe mu bakinyi bakuze kurusha abandi muri iyo kipe, mu ntango z'ino ndwi yarakuwe muri 23 baserukiye u Burundi mu gikombe ca Afrika 2019 mu Misiri. Selemani yaciye yurizwa indege imusubiza i Bujumbura, akaba agiye adateye umupira na rimwe ku nshuro ya mbere yari ashitse mu gikombe ca Afrika. Iyirukanwa ryiwe ryavuzweko vyinshi, bamwe bakavuga ko ryavuye ku kutumvikana kuri mw'ikipe yose, abandi bakavuga ko ikipe imaze gucikamwo imigwi ibiri, uwushigikiye Selemani n'uwutamushigikiye. BBC Gahuzamiryango yagerageje kumenya uko vyifashe ica yegera uwujejwe kumenyesha amakuru mw'ikipe Intamba mu Rugamba, Kibuga Ramadhani, aho ari kumwe n'Intamba mu muji wa Alexandria, atubwira ko ivyo bivugwa vyose ata kuri kurimwo. Ku kibazo c'uko umwuka woba utari mwiza mw'ikipe, Bwana Ramadhani yagize ati: ''Oya. Umwuka...ambiance imeze neza cane. Yari ingorane y'umumenyereza [Olivier Niyungeko] na Selemani, si ingorane y'akagwi n'umumenyereza. ''Kandi abo twokwita aba cadres ba ekipe bari bagerageje kumuhanura [Selemani] ntivyakunda. Rero morale ni yose mu bakinyi.'' Intamba mu Rugamba kuri uyu wa gatandatu zirahura n'ikipe ya Nigeria iri mu zihabwa amahirwe muri iri higanwa, bikaba rero bitoba ari vyiza mu gihe Intamba zoba zifise akabazo. Ikipe yose mw'ihiganwa igenda ijanye abakinyi 23, bisigura yuko ubu Intamba zisigaranye abakinyi 22, hakibaza nimba bishoboka ko Selemani yosubirizwa. Kuri ico, uwujejwe kumenyesha amakuru muri iyo kipe yabandanije abwira BBC ati: ''Ntibikunda gusubirizwa. Kuko umukinyi asubirizwa iyo afise ibibazo vy'amagara naho nyene bikemezwa na CAF. ''Selemani yagize ikibazo ca discipline. Kandi umwanya wo gusubirizwa waheze. [Uwo mwanya ni amasaha...] 24 imbere y'urukino rwawe rwa mbere.'' Bwana Ramadhani yabandanije avuga ko gukurwa kwa Selemani mw'ikipe ata nkurikizi bishobora kugira ngo kuko n'ubundi ntiyari muri 11 bari gutangura mu kibuga. Ngo urukino rwa nyuma yakiniye Intamba rwari i Juba mu kwezi kwa 11 mu 2018, akaba atari mu bakinyi nyamukuru. Abajejwe ikipe nserukiragihugu y'u Burundi muri rusangi bemeza ko abakinyi bafatanye mu mugombo, uwujejwe kumenyesha amakuru, Bwana Ramadhani, akaba yabandanije avuga ko biboneka no ku jisho. Yagize ati: ''Imigenderanire ni myiza. Nta kibazo, ikipe iri hamwe. Biraboneka neza mu myimenyerezo mbere n'umubano wa minsi yose.'' Uno munsi itariki 22/06/2019, ikipe y'u Burundi Intamba mu Rugamba iraza kwandika amateka mu mupira w'amaguru muri ico gihugu, aho iza gukina ku nshuro ya mbere mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika, ihura na Nigeria. Ni urukino rutangura saa moya z'umugoroba ku masaha yo mu Misiri, rukaza kubera ku kibuga ca Alexandria Stadium mu muji wa Alexandira. U Burundi buri mu mugwi B aho buri kumwe n'amakipe ya Nigeria, Madagascar na Guinea. Urundi rukino rwo mu mugwi B ruraza guhuza Madagascar na Guinea, rube saa yine z'ijoro ku kibuga ca Alexandria Stadium nyene. Ushaka kumenya uko amakipe atsindana muri iri higanwa ry'igikombe ca Afrika 2019, amanota afise hamwe n'uko ahagaze, urashobora kuja ngaha https://www.bbc.com/gahuza/imikino-48730303 +sports Igikombe c'isi 2022: Kuki abakinyi ba Iran banse kuririmba ururirimbo rw’igihugu "Abakinyi ba Irani banse kuririmba ururirimbo rw’igihugu imbere y’urukino rwabahuje n’Ubwongereza mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi, mu bisa n’ukwifatanya n’abari mu myiyerekano yiyamiriza reta mu gihugu cabo. Bamwe mu bafana bavugije induru abandi bazomera mu gihe ururirimbo rw’igihugu rwariko rurasamirana, abandi nabo bafise ivyapa vyanditseko ngo “Umugore, Ubuzima, Ubwigenge”. Imboneshakure ya Iran yaciye ibikata, ihagarika kwerekana ururirimbo rw’igihugu ruriko ruraririmbwa, maze ica yerekana amashusho arambuye y’ikibuga. Mu mezi aheze, iyo myiyerekano yaratujijwe bikomeye. Yavuye ku rupfu rwa Mahsa Amini, umugore w’imyaka 22 yapfiriye mu gasho mu kw’icenda, inyuma yo guhagarikwa n’igipolisi kijejwe inyitafo yagirizwa ko yahonyanze amategeko ruhasha ajanye no kwitwikira. Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko abari mu myiyerekano barenga 400 bishwe abandi 16.000 barahagarikwa n’abajejwe umutekano bariko batuza iyo myiyerekano. Abategetsi ba Iran bavuga ko iyi myiyerekano ari “imigumuko” ikokezwa n’abansi b’igihugu bari mu mahanga. Abafana ba Irani bumviswe kandi baririmba ""Ali Karimi"" mu gice ca mbere, bashaka kwibutsa uwahoze ari umukinyi, akaba yari umwe mu bantu banegura cane intwaro ya ki-Islam, akongera kandi akaba n’umwe mu bantu bari bazwi cane mu rugamba rwo kwiyamiriza ubutegetsi. Abafana kandi bumviswe baririmba ""Be-Sharaf"", bisigura gusuzugura mu rurimi rw’igiperse. Iri ni ijambo abari mu myiyerekano bakoresha mu guhangana n’abajejwe umutekano muri Irani. Abenshi mu barwanya ubutegetsi bwa ki-Islam baranegura umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru kubera utashigikiye ku mugaragaro imyiyerekano, no kwemera kubonana na Perezida Ebrahim Raisi  mu ndwi iheze. Mw’ijambo yashikirije imbere y’urukino, kizigenza w’umurwi wa Irani Ehsan Hajsafi yavuze ko abakinyi “bashigikiye” abamaze gusandaba. Umumenyereza Carlos Queiroz avuga ko abakinyi biwe bari “bafise uburenganzira bwo kugira imyiyerekano” ku vyerekeye agateka k’abagore mu gihugu cabo mu gihe cose “bidateye kubiri n’amabwirizwa ngenderwako y’igikombe c’isi yose kandi biri mu marangamutima y’urukino”. Abakinyi ba Irani kandi barapfutse ikimenyetso c’umurwi nserukiragihugu wabo igihe bakina inkino zibiri za kivandimwe mu kw’icenda. Inyuma y’urukino rwa nijoro ku wa mbere batsinzwe n’Ubwongereza 6 - 2 mw’itsinda B, Queiroz yavuze ko indyane za poritike mu gihugu zagize ingaruka mbi ku murwi wiwe. Uyu mumenyereza w’umunya-Portugal yavuze ati: ""Kuri abo bose baza guhungabanya umurwi n’ibibazo ataho bihuriye n’umupira w’amaguru, nta kibanza bafise kubera aba bahungu bacu, ni abakinyi b’umupira w’amaguru gusa. ""Reka abana bikinire umupira. Kubera iki nico bishakira. Bashaka guserukira igihugu, guserukira abanyagihugu, co kimwe n’iyindi mirwi nserukiragihugu iri ng’aha. No mu yindi mirwi nserukiragihugu yose, iwabo hariyo ibibazo”. Uyu yahoze ari icegera c’umumenyereza wa Manchester United yongerako ati: ""Si vyiza kuza muri rino higanwa ry’igikombe c’isi ugaca ubasaba gukora ivyo batajejwe. Bashaka gutera iteka n’umunezero abanyagihugu. ""Ntushobora no kwiyumvira ivyo aba bana babayemwo mu buzima bwabo mu misi mike iheze, kubera gusa bashaka kwibera abakinyi b’umupira”. Avuga kuri ivyo vyari bihejeje kuba inyuma y’igice ca mbere, umunyamakuru wa BBC Gary Lineker ashikiriza amakuru y’inkino, yavuze ati: ""Cari ikimenyetso gikomeye, gikomeye cane koko. ""Umupira w’amaguru uriko uragerageza gukoresha inguvu zawo ku neza”." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cy70l75gqv3o +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mbappe, Sancho, Coutinho, James, Daka, Firpo Liverpool iriko irabaza nimba umusatirizi wa Paris St-Germain umufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22 ashobora kugurishwa, ni mu gihe asanzwe ariko araronderwa na Real Madrid. Amasezerano ya Mbappe mu murwi PSG yitezwe kurangira mu 2022. (Marca) Umusatirizi wa Inter Milan umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 28 amenyesha ko atarota asubira mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza Premier League, ahubwo akaba abonwa ko ashobora gusubirira Robert Lewandowski muri Bayern Munich. (Mirror Online) Tottenham iri mu biganiro vyo kurondera kugura umukinyi w'inyuma w'umuyapani akehiro Tomiyasu w'imyaka 22 asanzwe akina muri Bologna, akaba ashobora kugurwa imiriyoni zababa 20 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail on Sunday) Real Madrid yashize umukinyi w'inyuma wa Leicester City umufaransa Wesley Fofana w'imyaka 20 ku rutonde rw'abo ishobora kurondera, ni mu gihe mugenziwe w'umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28 avugwa ko ari hafi yo kwimukira muri Manchester United. (Fichajes, via Star Online) Mu gihe yoramuka aguzwe n'umurwi Manchester United, umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 21 yohembwa ibihumbi hafi 347 vy'amadorari y'abanyamerika, incuro zibiri zirenga ku mushahara asanzwe ahembwa muri Borussia Dortmund. (Star Sunday) Icizere c'uko Manchester City yokwumvisha umukinyi w'imbere w'umwongereza Raheem Sterling w'imyaka 26 kugira no atere igikumu ku yandi masezerano cakwamishijwe n'ingingo y'uyu murwi yo gushaka kumutanga kugira ngo yongereze uburyo bwo kugura umusatirizi wa Tottenham Harry Kane w'imyaka 27. (Sunday Mirror) Manchester United iriko iraraba ingene yoronka umukinyi wo hagati, umufaransa Eduardo Camavinga w'imyaka 18 akina muri Rennes, asanzwe ariko arakurikiranwa kandi na Arsenal, Real Madrid na Paris St-Germain. (Mail on Sunday) Dortmund ibona ko uwuza ubwa mbere mu boshobora gusubirira Sancho ari umunya Hollande Donyell Malen w'imyaka 22 asanzwe akina muri PSV Eindhoven. (Sunday Mirror) Manchester City yashize ku rutonde rw'abakinyi yipfuza umukinyi w'inyuma ku ruhande muri Chelsea umwongereza Reece James w'imyaka 21 avugwa ko asanzwe akundwa cane n'umumenyereza Pep Guardiola. (The Athletic - subscription required) Umukinyi wo hagati wa Barcelona Philippe Coutinho w'imyaka 29 afise indoto zo gusubira muri Liverpool, ariko uyu murwi w'Ubwongereza nta mugambi n'umwe ufise wo kugarukana uyu munya Brésil. Iyindi mirwi Coutinho yipfuza kwimukiramwo ni Inter Milan canke Leicester isanzwe imenyerezwa n'uwahoze ari umumenyereza wa Liverpool Brendan Rodgers, ariko uyu murwi umwipfuza nk'intizo mu kiringo c'umwaka umwe gusa. (Sport - in Spanish) Aston Villa iriteguye kugerageza Chelsea ku musatirizi wayo Tammy Abraham, ikaba itegura gutanga imiriyoni 55.5 z'amadorari kugira irabe ko yoronka uyo mukinyi w'imyaka 23 yatsinze ibitsindo 26 mu nkino 40 yakinye igihe yari yatijijwe muri uyo murwi mu mwaka w'inkino wa 2018-19. (Sunday Mirror) Umusatirizi wa Red Bull Salzburg umunya Zambia Patson Daka, w'imyaka 22 avuga ko yafashe ingingo yo kwimukira muri Leicester City inyuma y'aho yinjirije ibitsindo 34 mu nkino zose yakinye mu mwaka w'inkino urangiye wa 2020-21. (Krone - in German) Ajax iripfuza umukinyi wo ku ruhande wa Tottenham Hotspur umunya Hollande Steven Bergwijn w'imyaka 23 ariko rero uyu murwi wo muri Premier League ntushaka kurekura uyu mukinyi yaguze mu kwa mbere 2020 avuye muri PSV Eindhoven. (Mail Online) Umumenyereza wa Real Madrid Carlo Ancelotti arashaka ko uyu murwi wo muri Espagne ugura umukinyi w'inyuma wa Manchester United umunya Portugal Diogo Dalot w'imyaka 2 yari amaze umwaka wose wa 2020-21 akina muri AC Milan iyo yari yatijijwe. (Correio de Manha via Sport Witness) AC Milan iripfuza abakinyi batatu ba Chelsea umunya Maroc akina ku ruhande Hakim Ziyech w'imyaka 28, hamwe n'abafaransa babiri Olivier Giroud w'imyaka 34 na Tiemoue Bakayoko w'imyaka 26. Bakayoko yaramaze umwaka wose wa 2018-19 akina muri uyo murwi aho yari yaratijijwe. (Gianluca di Marzio via Sempre Milan) Leeds United, West Ham na Southampton yose iravugwa ko yipfuza umukinyi w'inyuma wa Barcelona umunya Espagne Junior Firpo w'imyaka 24 yipfuza kuva muri uyu murwi muri rino ci. (Mundo Deportivo - in Spanish) Barcelona nayo ifise umugambi wo kurondera umukinyi w'inyuma ku ruhande wa Chelsea Marcos Alonso w'imyaka 30 mu gihe Firpo yoramuka agiye, n'aho Inter Milan nayo nyene ibanze amatwi ikurikirana ingene ibintu bigenda kuri uyu mukinyi i Stamford Bridge. (Mundo Deportivo - in Spanish) Burnley iriteguye kwakira uwo wese azorondera umukinyi w'inyuma, umwongereza James Tarkowski w'imyaka 28 asanzwe ariko araronderwa na West Ham. (Football Insider) https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57628783 +sports Football: Menya abamenyereza 10 batunze cane kw'isi mu mupira w'amaguru. "Mu gihe abamenyereza benshi batamenyekana cane ubagereranije n'abakinyi babo, abamenyereza n'agahara mu rugandanda ntibacure ku kibuga. Abamenyereza bafise akazi ko kugerageza, ni bo bigisha abakinyi bakabashikana ku rugero rwo hejuru. Bafise akazi ko akazi ko kwihweza abakeba, no kuraba ingene aronka intsinzi. Kugira ishike ku rugero rwo hejuru rw'umukino, imigwi yo mu rwego rwo hejuru irondera abamenyereza beza. Ariko abo bamenyereza beza, imigwi bagiyemwo ibariha amahera menshi. Mu myaka 20 iheze, bamwe mu bamenyereza baratanguye guhembwa amahera menshi kurusha abakinyi babo. Tutiriwe turarandira, reka turabire hamwe abamenyereza 10 batunze cane gusumba abandi kw'isi mu 2021. 10. Rafael Benítez - Buri mwaka ahembwa €13M Rafael Benítez Uwo mumenyereza yahoze muri Real Madrid na Livepool ari mu kibanza ca 10 ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi. Ubu amenyereza umugwi wa Dalian Proffessionnals. Akaba afise umushahara w'imiliyoni 13 z'ama Euro. Benitez yagenywe kuba umumenyereza wa Newcastle mu 2016, aho bariko baragerageza kudakoroka mu cicaro ca kabiri. Vyaramunaniye iruhira gukoroka, ariko yongera kuyifasha kuduga mu cicaro ca mbere mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza gushika mu 2019. Rafael Benitez yamenyekanye cane igihe umugwi wiwe wa Liverpool aho yatsinda AC Milan mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabe wa Buraya mu 2005. 9. Massimiliano Allegri - Buri mwaka ahembwa €13.5M Allegri n'umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi. Massimiliano ""Max"" Allegri yakiniye Ubutaliyano, aheruka kumenyereza ari mu mugwi wa Juventus. Allegri ari mu kibanza c'icenda. Uwo mumenyereza w'umutaliyano yatwaye ibikombe bine vwo mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano amenyereza umugwi wa Juve. Yarashitse kandi mu nkino za nyuma kabiri kose muri iryo higanwa amenyereza Juventus nyene, ariko aratsindwa. Igihe Allegri yamenyereza uwo mugwi, yarashoboye kuronka intsinzi ku bice 70%, bikaba vyabaye ibiharuro biri hejuru cane muri kahise k'uyo mugwi. Allegri n'umukinyi wo hagati yakiniye imigwi myinshi mu gihugu c'butaliyano. Mu gihe afise ubutunzi bwa miliyoni 13.5 z'ama euro, n'agaciro ka miliyoni 5 z'amadolari, Massimiliano Allegri ari ku rutonde rw'abamenyereza cumi beza kw'isi. 8. Fabio Cannavaro - Buri mwaka ahembwa €14m Fabio Cannavaro n'umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi. Cannavaro ni umukinyi wa kera w'Ubutaliyano, akaba ubu amenyereza umugwi wa Guangzhou Evergrande. Agikina, Cannavaro yari umukinyi w'inyuma mu migwi itandukanye mu Butaliyano. Ni we agifise umuhigo wo kuba umukinyi w'inyuma wenyene amaze gutwara igikombe c'inzahabu. Mu gihe afise ubutunzi bungana na miliyoni 45, Cannavaro n'umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi. Amasezerano afise ubu atuma ahembwa miliyoni 12 z'ama euro buri mwaka. Umugwi amenyereza warashoboye gutwara ibikombe vyo mu Bushinwa FA 2018 hamwe n'ico ihiganwa ryo muri ico gihugu 2019. 7. Ernesto Valverde - Buri mwaka ahembwa €19M Ernesto Valverde Ernesto Valverde Tejedor yahoze akinira umugwi nserukiragihugu wa Espagne mu kibanza c'imbere, ubu akaba ari umumenyereza. Nk'umukinyi, Valverde yinjije ibitego 68 mu nkino 264 mw'ihiganwa ryo muri Espagne. Inyuma yo gusezera gukina, yabandanije akazi katoroshe k'ubumenyereza. Ernesto yatwaye ibikombe bibiri vy'amahiganwa y'ibihugu, Olympiacos 2008-09 na 2011-12 na Barcelone 2017-18. Valverde yirukanywe muri uyu mugwi uyu mwaka inyuma yo gutsindwa na Bayern Munich ibitego 8-2. 6. Zinedine Zidane -Buri mwaka ahembwa€23M Zidane n'umwe mu bamenyereza 10 batunze cane kw'isi. Uwo mugabo azwi ku ritazirano Zizou, yahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa. Nk'umumenyereza yahora ahembwa imiliyoni 23 ku mwaka, akaba afise ubutunzi bungana n'imiliyoni 62 z'ama euro, ubutunzi butuma aba ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi. Ni we yahora amenyereza umugwi wa Real Madrid gushika ubu vuba aho atangiye imihoho. Uwo yahoze ari umukinyi wo hagati ari mu bakinyi bake batwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya nk'umukinyi n'umumenyereza. Ni we kandi afise umuhigo wo gutsindira ibikombe bitatu vy'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya nk'umumenyereza. 5. José Mourinho - Buri mwaka ahembwa €23M Jose Mourinho n'umwe mu bamenyereza beza kw'isi batunze. José Mário dos Santos Mourinho Félix ni umunye Portugal yahora amenyereza umugwi wa Tottenham Hotspurs. Azwi nk'umumenyereza rurangiranwa afise akazina k'ubuhizi ka 'Special One'. Inyuma yo kwirukanwa muri Manchester United mu kwezi kwa 12 mu 2018, Jose Mourinho yamaze umwaka wose ata wundi mugwi arajamwo, aho yanse kwitaba akamo k'imigwi myinshi yamurondera imbere yo kwerekeza muri Tottenham Hotspurs mu kwezi kwa 11 mu 2019. Jose Mourinho yatahukanye intsinzi nyinshi cane, aho yatsindiye ibikombe 6 mu myaka ibiri. Uwo mumeneyereza wo muri Portugal yahembwa imiliyoni 23 z'ama euro, akaba afise ubutunzi bwose hamwe buri hagati ya miliyoni 50 -100 z'amadolari. Ubutunzi butuma aba umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi. 4. Jürgen Klopp - Buri mwaka ahembwa €24M Jurgen Klopp Jürgen Norbert Klopp n'umudagi akaba yahoze ari n'umukinyi ubu akaba amenyereza umugwi wa Liverpool. Abonwa na benshi nk'umumenyereza wa mbere kw'isi. Akunda cane umukenyuro wa Gegenpressing, aho igihe umugwi uba utakaje umupira, wita kurutare mu kuwurondera no kuwusubirana, hagusubira inyuma kuwurindirirayo. Jurgen Klopp yashitse ku bintu bikomeye nk'umumenyereza, aho yatwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya amenyereza Loverpool FC. Jurgen Klopp yoba afise ubutunzi bungana imiliyoni 50 z'amadolari, ari na co gituma ari ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi. 3. Pep Guardiola - Buri mwaka ahembwa€27M Guardiola ni we mumenyereza wa mbere atunze mu gihugu c'Ubwongereza. Josep ''pep'' Guardiola Sala wo muri Espagne, yahoze ari umukinyi, ni we ubuamenyereza umugwi wa Manchester City. Azwi nk'umumenyereza yashitse ku bintu bikomeye cane kw'isi. Nk'umukinyi, Pep yamaze umwanya munini mu mugwi wa Barcelone. Nk'umumenyereza, Pep yatsindiye ibikombe vyinshi cane mu migwi itandukanye. Guardiola akunda cane umukenyuro wo guhererekanya umupira, umukenyuro wo muri Espagne aho bahanahana imipira mito mito bagenda bigira imbere. Inyuma yo gukora ibikora inka amenyereza imigwi ya Barcelone na Bayern Munich, Pep Guardiola yagenywe kumenyereza Manchester City mu 2016. Afata umushahara w'imiliyoni 27 z'ama euro buri mwaka mk'umumenyereza wa Manchester City, akaba afise ubutunzi buri hagati y'imiliyoni 40-60 z'amadolari, bikaba ari vyo bituma aba ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi. 2. Antonio Conte - Buri mwaka ahembwa: €30M Antonio Conte Antonio Conte amenyereza mu Butaliyano akaba yanahoze ari umukinyi. Ni we mumenyereza wa Inter Milan. Nk'umukinyi wo hagati, Conte yatanguriye gukina umupira mu mugwi wa U.S Lecce, mu nyuma aza kuba rurangiranwa ari mu mugwi wa Juventus. Antonio Conte yaratwaye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza agishika mu mugwi wa Chelsea. Mu mwaka wakurikiye uwo mugwi waciye umwirukana ariko aca ahabwa akazi na Inter Milan. Azwi cane mu gukoresha umukenyuro wa 3-5-2 igihe aba ariko aramenyereza. Yarafashije umugwi wa Inter Milan gushika mu rukono rwa nyuma rw'igikombe ca Europa League, mu mwaka wa mbere akihashika, aho uwo mugwi wiwe watsinzwe na Seville. Conte ahembwa imiliyoni 30 z'ama euro buri mwaka, ubutunzi bwiwe bukaba bushobora kuba buri hagati y'imiliyoni 50-60 z'amadolari. 1. Diego Simeone - Buri mwaka ahembwa €40.5m Diego Simeone ni we mumenyereza wa mbere atunze cane kw'isi. Afata umushahara w'imiliyoni 40.5 z'ama euro buri mwaka. N'umwe kandi mu bamenyereza bahembwa amahera menshi kw'isi mu 2021. Uwo munye Argentine yamenyereje imigwi myinshi, ariko yashitse ku bintu bikomeye ari mu mugwi wa Atletico Madrid, aho yayifasije gutwara igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne, igikombe citiriwe umwami, ibikombe bibiri vya Europa League, ibikombe bibiri vya UEFA Supercup araja no mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya. Bivugwa ko ubutunzi bwa Diego Simeone bwoba bushika ku miliyoni 130 z'amadolari nk'uko vyandikwa n'urubuga hwaniro rwa Celebrity net Worth, bigaruma rero aba ari we mumenyereza wa mbere atunze kw'isi." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57320235 +sports Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere wa 2019 ku ncuro ya gatandatu "Lionel Messi, umusatirizi wa Barcelona niwe yatahukanye agashimwe k'umukinyi wa mbere wa FIFA mu mwaka wa 2019, imbere ya Christiano Ronaldo wa Juventus na Virgil van Dijk wa Liverpool. Igize incuro ya gatandatu Messi atwaye ako gashimwe, inyuma y'aho agatahukaniye mu myaka ya 2009, 2010, 2011, 2012 na 2015. Uyo mukinyi akomoka muri Argentine yafashije umurwi wiwe gutsindira ihiganwa rya Espanye, La Liga, wongera ushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'ihiganwa rya Uefa Champions League. Ku ruhande rw'abagore naho, Megan Rapinoe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika niwe yatahukanye agashimwe k'umukinyi mwiza ku ruhande rw'abagore. Ku ruhande rw'abamenyereza naho, Jurgen Klopp, umumenyereza wa wa Liverpool niwe yatwaye agashimwe k'umumenyereza wa mbere. Liverpool yahejeje ari iya kabiri mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League n'amanota 97, ni mu gihe wari watahukanye igikombe ca Champions League utsinze Tottenham mu rukino rwa nyuma ku bitsindo 2-0. Klopp yasumbije bagenziwe muri Premier League, Pep Guardiola wa Manchester City hamwe na Mauricio Pochettino wa Tottenham. Klopp ati: ""Ni ibintu bidasanzwe, mu myaka 20, 10, itanu canke ine iheze, nta muntu yiyumvira ko nshobora kuba mpagaze ng'aha uno munsi"". ""Twese turazi igikorwa wewe [Mauricio Pochettino] wakoze n'ico Pep yakoze. Ndashimira bidasanzwe cane umurwi wa Liverpool"". Umurwi wa Liverpool umaze gutsinda inkino zose zitandatu umaze gukira kuva rino higanwa rya 2019-2020 ritanguye. Liverpool yahawe kandi irindi teka ry'ukubona umunyegori wayo, umunya Brezili Alisson Ramses Becker atahukanye agashimwe k'umunyegori wa mbere kw'isi. Yasumbije abanyegori Ederson Santana de Moraes wa Manchester City na Marc-André ter Stegen wa Barcelona. Muri ivyo birori vyaraye bibereye mu gisagara ca Milan, FIFA yanatangaje n'urutonde rw'abakinyi cumi n'umwe b'umurwi wa FIFA. Abo nabo ni: Umunyegori - Alisson (Liverpool/Brezili) Abakinyi b'inyuma: - Matthijs de Ligt (Ajax na Juventus/Netherlands), Sergio Ramos (Real Madrid/Espanye), Virgil van Dijk (Liverpool/Ubuholande), Marcelo (Real Madrid/Brezili). Abakinyi bo hagati - Luka Modric (Real Madrid/Croatia), Frenkie de Jong (Ajax na Barcelona/ Ubuholande), Eden Hazard (Chelsea na Real Madrid/Ububirigi) Abasatirizi - Kylian Mbappe (Paris St-Germain/Ubufaransa), Cristiano Ronaldo (Juventus/Portugal), Lionel Messi (Barcelona/Argentina)" https://www.bbc.com/gahuza/imikino-49807152 +sports Brittney Griner: Rurangiranwa muri Basketball yaciriwe gupfungwa imyaka 9 azira gufatanwa ibiyayuramutwe Sentare yo mu Burusiya yaciriye urubanza umukinyi rurangiranwa wa Basketball wo muri Amerika Brittney Griner gupfungwa imyaka umunani yagirizwa ibiyayuramutwe. Yategetswe kandi kuriha amande y'umuliyoni w'ama roubles angana n'amadolari 16.300. Griner yemeye icaha co gufatanwa ivyo biyayuramutwe ariko agahakana ko yabikoze yabigambiriye. Uwo mwigeme w'imyaka 31 amaze gutwara umudali wa Olempike yapfunzwe mu kwezi kwa kabiri ku kibuga c'indege i Moscou aho bamufatana amavuta arimwo cannabis mu bintu yari afise. Cannabis ntirekuwe mu Burusiya. Umugwi w'ababuranira Griner wavuze ko bashobora kwunguruza kuri ico cemezo cafashwe kuri uyu wa kane na sentare ya Khimiki iri irunde ya Moscou. Prezida wa Amerika Joe Biden yavuze mw'itangazo ko Uburusiya bupfunze bidakurikije amategeko Griner aca abuhamagarira kumurekura ubwo nyene. Ntibiramenyekana umwanya azomara apfunzwe, mu gihe Amerika n'Uburusiya bumaze imisi buganira kw'ihanahana ry'impfungwa rishobora kujamwo uwo mukinyi wa Basketball nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC mu rurimi rw'ikirusiya, Steve Rosenberg. Inkuru zitangwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika zivuga ko umurusiya adandaza ibigwanisho bidaciye mu mategeko Viktor Bout - azwi kw'izina rya Merchant of Death (Umudandaza w'urupfu) - ashobora kurungikwa mu Burusiya muri uwo mugambi. https://www.bbc.com/gahuza/articles/czr3vyyw72po +sports Ayavugwa mu mupira w'amakuru 30.06.2019:Zaha, Pogba, Mbappe, Rabiot, Eriksen, Ndombele, Adams, Morata "Arsenal itegerezwa kuriha Crystal Palace amapawundi imiliyoni 100 kugira ngo ishobore kuronka umusatirizi wa Côte d'Ivoire Wilfred Zaha w'imyaka 26. (Mail on Sunday) Ariko umukuru wa wa Eagles, Steve Parish afise ubwoba ko mu gihe yogurisha Zaha ko vyogira ingaruka mbi ku mugambi w'ukurondera abandi boshingwa uwo murwi . (Sun) Umusatirizi wa Borussia Dortmund Jacob Bruun Larsen aripfuzwa cane n'imirwi ya Liverpool, Manchester United na Arsenal.(Mail) Umukuru w'umurwi wa Tottenham Daniel Levy yahamagaye abajejwe Real Madrid kuri terefone kugira abahe umukinyi Christian Eriksen yanse gusinya ayandi masezerano muri Tottenham ihiganwa rya 2019/2020 rirangiye. (Marca) Umusatirizi w'Ubufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 20, asigaje imyaka itatu mu masezerano afitaniye na Paris St-Germain kandi nta mugambi afise wo kwongereza amasezerano ngo abandanye akinira uwo murwi. (Marca) Icegera c'umukuru wa Manchester United Ed Woodward yabwiye abakozi biwe ko uwo murwi ufise umugambi wo kwongereza abandi bakinyi ""bakomeye"" uno mwaka inyuma y'aho azaniye umukinyi Aaron Wan-Bissaka. (Sunday Telegraph) Paul Pogba azobonana n'umumenyereza Ole Gunnar Solskjae mu ndwi iza ku mugambi wiwe wo kuva muri uwo murwi. (Sun) Umusatirizi wa Birmingham City n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Che Adams yasezeye bagenziwe imbere y'uko yimukira mu murwi wa Southampton. (Mail on Sunday) Southampton yemeye kugurisha umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i buryo, Matt Targett kwa Aston Villa ku ma pawundi imiliyoni 14. (Sunday Telegraph) Liverpool na Tottenham yahevye umugambi w'ukurondera umukinyi Bruno Fernandes, akaryo kuri uwo mukinyi wo hagati w'umurwi wa Sporting Lisbon ko gushobora kuja muri Manchester Unted. (Sunday Express) Umumenyereza wa Tottenham Mauricio Pochettino avuga ko adafise ijambo rya nyuma ku vyerekeye abakinyi baronderwa. (Independent on Sunday) Tottenham kandi yiteze guheraheza amasezerano y'ukugura umukinyi wo hagati wa Lyon Tanguy Ndombele w'imyaka 22 ku ma pawundi imiliyoni 60. (Standard) Chelsea iragabisha Atletico Madrid ko izohagarika amasezerano ku musatirizi Alvaro Morata, mu gihe Atletico Madrid itotanga amapawundi imiliyoni 50 ngo imugure burundu. (Sunday Telegraph) Inter Milan ikeneye kwegeranya amapawundi imiliyoni 75 kugira ngo ishobore kuronka umusatirizi w'Ububirigi Romelu Lukaku w'imyaka 26 asanzwe akinira Manchester United, ayo mahera agashobora kuboneka ugurishije umukinyi wo hagati Joao Mario w'imyaka 26 be n'uwundi w'inyuma Dalbert w'imyaka 25. (Sun on Sunday) Umrwi wabaye uwa mbere mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano Juventus bashitse ku mwumvikano n'umukinyi wa Paris St-Germain, Adrien Rabiot w'imyaka 24. (Sky Italy, Sky Sports) Umunyegori wa Ajax akomoka muri Kameruni Andre Onana w'imyaka 23 avuga ko yipfuza kuguma muri uwo murwi wo mu Buholande n'aho Manchester United iboneka ko imwipfuza. (Voetbal International, via Metro) Watford yashitse ku masezerano yo kugura umukinyi w'inyuma w'umwongereza w'umurwi West Brom Craig Dawson w'imyaka 29 ku ma pawundi imiliyoni 5 n'igice. (Sky Sports) Millwall na Bristol City yo mu cicaro ca kabiri bariko barwanira umusatirizi wa Barnsley Kieffer More.(Mail on Sunday) Leeds United wanakaribia kumnasa winga wa Wolves, Helder Costa 25.(Birmingham Mail)" https://www.bbc.com/gahuza/imikino-48818040 +sports Pochettino yoba agiye kwirukanwa inyuma yo gutsindwa kwa PSG muri Champions League? "Mauricio Pochettino avuga ko ""indwi nkeya ziri imbere zitagiye kworoha"" inyuma y'aho Paris St-Germain yiwe iviriye mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) kandi yari ifise ibitsindo 2 uteranije, ariko Real Madrid ikaza kuyivyukiranya maze iyikura mw'ihiganwa. Mu kiringo c'isaha yose c'uru rukino rwo gusubiza, PSG yari iramutse yakirwa na Real Madrid yariganziye umupira inyuma y'igitsindo ca Kylian Mbappe cari kigize kabiri muri izi nkino zibiri hagati y'iyi mirwi. Ariko basigaye biyumvira ibibabayeko inyuma y'ibitsindo bitatu vyose vya Karim Benzema mu minota 17 gusa vyatumye basezera n'umubabaro utagira urugero iri higanwa bamaze igihe kirekire barondera gutsindira. Pochettino ati: ""Igitsindo ca mbere [Benzema] cahinduye rwose urukino"". ""Mu kiringo c'isaha, twakinye neza gusumba Real Madrid. Ibintu vyahavuye bihinduka mu kibuga. Inyuma y'aho twarakoze amakosa amwe amwe, ntitwovuga ko atayo twakoze. Ikibabaje gusumba ibindi vyose ni uko ari twebwe twari dufise ibintu mu minwe bikaza kutuyangarana mu minota cumi. ""Paris St-Germain imaze imyaka itari mike irondera Champions League. ""Ni ukuri ndababaye cane, ndumiwe - ariko ibi ni ibintu bishobora gushika. Indwi nkeya ziri imbere ntizigiye kworoha"". Kuva iguzwe n'abanya - Qatar mu 2011, PSG yagiye igura abakinyi b'ibihangange. Ariko indoto zayo zo gutahukana iri higanwa rikuru rihuza imirwi y'umupira w'amaguru ya Bulaya zagiye zipfa incuro nyinshi kandi yari mu mahirwe menshi yo gutsinda, harimwo igihe ikubitwa ibitsindo 6-1 na Bacerlona mu 2017 be n'igihe ivanwa mw'ihiganwa na Manchester United mu gice c'umunani gishira ica nyuma mu mu 2019. Umunyamakuru w'umupira w'amaguru mu Bufaransa, Julien Laurens, yabwiye BBC Radio 5 Live ati: ""Ni kenshi PSG imaze gushika ng'aha. Kenshi cane. Ugutakaza uru rukino ni ikintu kibabaje cane. Amakosa menshi ari ku bakinyi mu kibuga kuko ntushobora gukora amakosa nk'aya. ""Pochettino ntashobora kuba ari ng'aha mu mwaka uza, ivyo novyemeza - kiretse vyanse ko bazana [Zinedine] Zidane. Ariko na we nyene sinzi ko yipfuza kuza ng'aha; ashaka kwigira mu Bwongereza. ""Umuryango wiwe uri i Londres mu gihe wewe amaze umwaka mw'ihoteri i Paris, kumbure iki ni kimwe mu ngorane. Ntushobora kureka ngo umurwi wawe ugwe mu manga nk'uko vyagenze muri iri joro ukaguma ureze amaboko. Yasamaye cane"". Laurens aranegura kandi ingene Pochettino agenda ahindagura abanyegori biwe babiri, Gianluigi Donnarumma na Keylor Navas, akibaza kandi niba koko abakinyi bari bafise intumbero yo nyayo yo gutsinda muri uru rukino rwo hanze - mu gihe kuva umwaka utangura bamaze gutsinda urukino rumwe gusa mu nkino bakiniye hanze mw'ihiganwa ry'Ubufaransa Ligue 1. Laurens ati: ""Uruhande rw'abanyegori ni ibara. Ntiyigera abategura kugira bakine neza. Ntushobora kumenya ni nde azokina urukino rukurikira. ""Mu nkino zo hanze ntibavyifatamwo neza - kandi si muri Champions League gusa. Barafise ingorane iyo bagiye gukinira hanze kubera usanga ata shaka bafise. Iyo basatiriwe ntibashobora kuronka intsinzi. ""Ubu bufyinasi jewe nibwo bumbabaza - iyumvire ubonye ko umaze gutakaza inkino wari ufise mu minwe nk'urw'uno musi ariko ukaguma uyayata nk'uko vyagenze muri iri joro. Iyi ni Champions League, raba ingene vyasubiye kubagendera"". Umwongereza Steve McManaman yahoze akina hagati, akaba yatsindiye incuro zibiri Champions League igiye yakinira Real Madrid, arasigura amakosa ya PSG yatumye isubira gutsindwa muri iri higanwa. Mu mahiganwa yayo atandatu muri Champions League, uyu murwi ufise ikibanza ca mbere muri Ligue 1 washitse mu rukino rwa nyuma be no mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu myaka ibiri ikurikirana, ariko kandi ikaba imaze gutsindwa mu nkino z'igice c'umunani gishira ica nyuma incuro zine zose. McManaman kuri BT Sport ati: ""Ni ibintu twari twiteze ko PSG itembagara. Bakoze ivyo bama bakora, iyo basugerejwe, barayonga. ""Bakora mu kajagari, ntawubayobora. Abakinyi barakomeye cane. Iyo ibintu bibakomeranye, ntaco bibabwira. Bakina uko bishakiye. ""Ni ibintu bitumvikana ingene ushobora kubona [abakinyi] bane canke batanu bariko bayayata kandi ibintu biriko birayangara. ""PSG yamye ikora amakosa igihe cose mu gice ca kabiri c'urukino. Ni ngombwa gukeza Real kuko n'aho boba bamaze gutsindwa, babandana bakina n'inguvu zabo zose. ""Tumaze kubona abamenyereza baza bagenda ariko vyaranse ko batorera umuti iki kibazo. Baraza, muri Champions League bagatsindwa hanyuma bakirukanwa, ubuzima bukabandanya"". Eka na Rio Ferdinand yahoze akina inyuma muri Manchester United avuga nk'ivyo, akongerako ati: ""Niko vyamye bimeze kandi kumbure ngira ni umugenzo muri uyu murwi. ""Ibi si bishasha muri uyo murwi. Bafise abakinyi beza cane, ariko n'aho ibintu bitoba bimeze neza kuri uwo musi, ni ngombwa ko ubandanya urukino n'inguvu zawe zose. Ivyo nta vyo bakoze. Ni kimwe mu bigize umugenzo washinze imizi muri PSG""." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-60687705 +sports Man United: Ighalo yasivye imiyimenyerezo kubera ubwoba bwa corona "Umusatirizi wa Manchester United Odion Ighalo ntazoja mu myimenyerezo y'uwo murwi muri Espanye ku gutinya ko ashobora kwankirwa gusubira mu Bwongereza kubera ubwoba bwa coronavirus. Uyo mukinyi w'umunya Nijeriya w'imyaka 30 yashitse mu gisagara ca Manchester mu mpera z'indwi iheze avuye mu Bushinwa inyuma y'ugushira umukono ku masezerano avuye mu murwi Shanghai Shenhua. Ole Gunnar Solskjaer, umumenyereza wa Man United yabwiye televiziyo MUTV ati: ""Vyari vyiza ko nawe yari kujana n'abandi bakinyi kugira ngo ashobore kumenyerana nabo"". ""Ariko kubera amategeko akomeye y'uruja n'uruza ku mipaka, ntidushaka kwigerezako"". Hagati aho, abakinyi Scott McTominay wo hagati na Axel Tuanzebe w'inyuma bamaze igihe batinjira mu kibuga kubera imvune, bazojana n'abandi. Man U ntizoba iri mu gihugu gushika ku wa gatanu mu kwitegura guhangana na Chelsea ku kibuga cayo Stamford Bridge ku wa mbere 17 z'ukwa kabiri, hazoba ari isaha zine z'ijoro mu masaha y'u Burundi n'u Rwanda" https://www.bbc.com/gahuza/51432277 +sports Igikombe c'isi 2022: Intambara itoroshe ya FIFA ku nzoga "Avuga ku ngingo yo kubuza kunywa inzoga ku bibuga biberamwo inkino z'igikombe c'isi, igihe yaratashe avuye kuraba urukino rw'umugwi wiwe, Jose, umufana wa Equateur yavuze ko ""Birababaje"". Yagize ati:""Ndonse iyi ifise urugero rw'umwambiro rw'ubusa, ariko basi ndapfa kwumva icanga ry'inzoga."" Emilio yongeyeko ati:""100%. Hari abantu bashaka ibiyeri"". Ingingo yo ku munota wa nyuma yo kubuza kudandaza ibiyerimu bibuga vya Qatar yavuye ku rugamba rurerure yagwanye na Qatar ku vyerekeye inzoga. Intambara ku batanga uburyo muri FIFA, imaze kuba mu myaka itari mike uko habaye inkino z'igikombe c'isi, vyatumye iryo shirahamwe ryagirizwa ubukoloni, ko rishira imbere amahera gusumba amagara y'abantu. N'aho izo ngorane z'ubu za FIFA zitewe n'inzoga zijanye n'uko yariko iragerageza kugondoza ibihugu vyakiriye ihiganwa gutanga inzoga ku bibuga, iryo shirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi ryahora ritegeka ko hadatangwa inzoga ku bibuga. Gushika mu 2004, amategeko agenga ibirori bikomeye yari akivuga ko abakiriye amahiganwa badafise uruhusha rwo kudandaza inzoga ku bibuga ahariko harabera inkino, kandi ko umuntu wese aborewe yirukanwa ku kibuga. Ariko ingingo y'urwo rwego rurongoye umupira w'amaguru kw'isi yo kwisubirako kuri iyo politike no guhimiriza kugira inzoga zigurishwe igihe hariko haraba inkino z'igikombe c'isi yararucanishijemwo n'ibihugu bizakira. Guha ububasha Brezil gutunganya inkino z'igikombe c'isi co mu 2014 vy'asa n'ingingo nziza. Ico gihugu co mu bumanuko bwa Amerika, kizwi cane mu mupira w'amaguru, kimaze gutwara igikombe c'isi incuro zitanu kandi kandi hari umuco wo gukunda inzoga. Ariko co kimwe no mu bindi bihugu, urukundo abafana bakunda uwo mukino rutuma barenza rimwe na rimwe mbere hakazamwo n'imishamirano. Ni co gituma inzoga zabujijwe mu nkino z'umupira w'amaguru muri Brezil mu 2003, mu ntumbero yo kubaza imishamirano hagati y'imigwi itarabana ryiza. Ariko Budweiser, basanzwe bakorana na FIFA haraciye igihe kirekire, ari na ryo shirahamwe ritanga uburyo muri iryo higanwa, ryarasaavye ata guca hirya no hino ko hahindurwa amategeko abuza kugurisha inzoga aho abarorerezi bicaye. Uwari umunyamabanga w'ishirahamwe FIFA ico gihe, Jérôme Valcke yagize ati:""Inzoga ziri mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi, n'ukuvuga rero ko tuzozinywa. Murantunga nimwaba mubona ko nsa n'uwuvugishije amanyama, ariko n'ikintu tutazoganirako."" Yongeyeko ati:""Kugira uburenganzira bwo kugurisha inzoga bitegerezwa kuja mu mategeko."" Umushikiranganji wa Brezil ajejwe amagara y'abantu yaranse iyo mpinduka. Marco Aurelio Garcia, umuhanuzi adasanzwe wa prezida w'ico gihugu, yavuze ko Valcke ""atarezwe"". ""umukoloni"" kandi ""apfa kuvuga atiyumviriye"". Ariko n'aho bavyiyamirije, abateguye inkino zo mu 2014 baruhiye kugondozwa barahindura itegeko kugira barekure igurishwa ry'inzoga mu gihe hariko haraba inkino z'igikombe c'isi. Mu gihe hariko haraba inkino z'igikombe c'isi harabaye imishamirano myinshi hagati y'abafaba barabana ryiza, nk'igihe haba urukino ruhuza Colombia na Uruguay i Rio de Janeiro, aho vyabaye ko igipolisi kija hagati y'iyo migwi ibiri yari ishamiranye. Mu kwishura kuri ivyo vayabaye, Jérôme Valcke  yavugiye ku mboneshakure ya Brezil Sport TV ati:""Naratangajwe n'igitigiri c'abantubari baborewe."" Abajijwe nimba bishoboka ko FIFA ishobora guhindura itegeko muri kazoza, yongeyeko ati:""Nitwabona ko bikenewe ko tugenzura igurishwa ry'inzoga, tuzobikora."" Ariko inkino zakurikiye mu Burusiya mu 2018, nta cahindutse kinini ku vyerekeye amategeko ya FIFA agenga igurishwa ry'inzoga. Co kimwe na Brezil, kubuza igurishwa ry'inzoga igihe hariko haraba inkino zitandukanye n'ibintu vyo kuva kera. Mu 2005, reta yarabujije igurishwa no kwamamaza inzoga ku bibuga. Nta shirahamwe na rimwe rikora inzoga rikomeye ryatanze amahera yo gutegura inkino za Olempike zo mu gihe c'imbeho zo mu 2014 i Sotchi, hanyuma mu 2012 Uburusiya bwaratoye itegeko ribuza gose kwamamaza inzoga ku mboneshakure, ku mbuga hwaniro no mu binyamakuru vyandika. Ariko mu mwaka wakurikiye, prezidaa Vladimir Putin yarashize umukono kw'itegeko rishasha rirekura kugurisha inzoga mu gihe c'inkino z'igikombe c'isi, aranorosha vy'aagateganyo amategeko mashasha yabuza kwamamaza inzoga. Akarere ka Rostov karagerageje kubuza igurishwa ry'inzogamu bibuga vyako, kavuga ko ""ari ahantu hakoranira abantu benshi"" ariko karuhiye kwisubirako kamenyeshejwe ko gashobora gukurikiranwa mu butungane. Ibibazo bijanye n'inzoga hamwe n'umupira w'amaguru mu mahiganwa akomakomeye ntibiraba gusa FIFA, n'ibihugu bitegura izo nkino. Mu nkino za Euro 2022, harabaye ikibazo hagati ya UEFA na bamwe mu bakinyi banse kuja mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ku meza hateretse amacupa y'inzoga ya rimwe mw'ishirahamwe ryari ryatanze amahera yo guterera iryo higanwa, Heineken. Umukinyi w'imbere w'Ubufaransa Pual Pogba, umu Islam yarakuye ku meza icupa rya Heineken imbere yo kwishura ibibazo inyuma y'urukino. Mugenzi we Karim Benzema na we nyene w'umu Islam, co kimwe na Pogba na we nyene yishuye abamenyeshamakuru ata cupa na rimwe riri ku meza. N'aho ico gihe cose, inzoga zari zazanywe n'iryo shirahamwe zari iza Heineken ariko ziromwo urugero rw'umwambiro wa 0,0%, abo bakinyi bibashatse ko baberekana bafise amacupa y'inzoga imbere yabo. Mu nyuma UEFA yaremeye kuza irabaza abamenyereza n'abakinyi ko bemeye ko bazana amacupa ya Heineken ku meza aho bagirira ikiganiro n'abamenyeshamakuru, ariko imigwi yaragabishijwe ko ashobora guhanwa mu gihe yosubira kwinuba ayandi mashirahamwe atanga amahera muri iryo higanwa rikiriko riraba. Ubu, mu gihe hariko haraba igikombe c'isi ca 2022, ukwiyamiriza inzoga gufatiye ku kwemera kw'igihugu cakiriye izo nkino, gitegeka kubuza kugurisha inzoga mu gihugu cose, kwatumye FIFA yemera iyo ngingo yo kutagurisha inzoga ku bafana ku bibuga ku munota wa nyuma. Abafise amatike yo mu kibanza c'iteka (VIP) bo barashobora kubandanya kugura inzoga aho ziri, imbere n'igihe inkino ziriko ziraba eka mbere n'inyuma y'aho. Hasigaye kumenya ingene iyo ngingo izogira ingaruka mbi ku migenderanire FIFA ifitaniye n'ishirahamwe rikora inzoga rya Budweiser AB InBev. Ishirahamwe rikomeye ritanga amahera yo gutunganya amahiganwa kuva mu myaka ya 1988, ryoba ririha FIFA imiliyoni 75 z'amadolari igihe cose habaye inkino z'igikombe c'isi. Ariko kuba Reta zunze Ubumwe za Amerika, aho iryo shirahamwe rya Budweiser AB InBev riri, ari kimwe mu bihugu bitatu bizotunganya inkino zo mu 2026, AB InBev rishobora kwizera amahirwe menshi yo kugurisha inzoga muri iryo higanwa ryimirije." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cekv2v4ylelo +sports Babuzwa guhiganwa mu bandi kubera uko bavutse Bivuye ku kuntu bavukanye imisemburo ya kigabo myinshi mu mubiri, aba banonotsi babujijwe guhiganwa mu bandi bagore kiretse bahinduye imetero biruka canke bagafata imiti igabanya iyo misemburo. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57471844 +sports Champions League: Ivyabaye 2018 hagati ya Liverpool na Real Madrid bihava bisubira? Kuri uyu wa kabiri 06/04/2021, inkino za mbere z'igice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere (Champions League) ku mugabane wa Buraya niho ziza gutangura zikazobandanya ejo, inkino ziboneka ko ziza kuba zikomeye. Imirwi iva mu bihugu bitanu gusa ni yo yiziziye iki gice, ni ukuvuga imirwi yo mu Bwongereza (Liverpool, Manchester City na Chelsea), Espanye (Real Madrid), Ubudagi (Bayern Munich, Dortmund), Uburafansa (Paris Saint-Germain), hamwe na Portugal (FC Porto). Inkino zigira kabiri zizokinwa mu ndwi iza. Mu gihe Real Madrid igiye guhura na Liverpool ubwa mbere kuva mu 2018 kuva iyi mirwi ihuriye mu rukino rwa nyuma rwagiye gutsindwa na Real Madrid, hari ikintu kimwe ntibagirwa cagumye mu mitwe y'abakunzi ba Liverpool. N'aho umwaka wakurikiye wa 2019 Liverpool yatsindiye iri higanwa, umwaka ukurikira 2020 nawo igatsindira ihiganwa ry'Ubwongereza (Premier League), hari agashavu katarigera kava mu mitwe y'abafana ba Liverpool bibutse ingene urukino rwa nyuma rwa Champions League 2018 na Real Madrid rwagenze. Mu mpera z'umwaka wa mbere yari amaze akinira Liverpool aho yerekanye ubuhinga budasanzwe, Mohamed Salah yakinye iminota itarenga 30 yonyene aca ava mu kibuga akorora amosozi inyuma yo kuvunika ku rutugu ariko arwanira umupira na Sergio Ramos. Abakunzi ba Liverpool barababaye cane kuko babona ko bari gushobora gutsinda urwo rukino maze bagatahukana igikombe. Urukino rwagiye kurangira Real itsinze 3-1 ibifashijwemwo n'amakosa abiri y'umunyegori Loris Karius, Gareth Bale atsinda bibiri ikindi kimwe cinjizwa na Karim Benzema. Ica Liverpool cinjizwa na Sadio Mané. Kuva iyo mirwi ihuriye muri uru rukino rwagenze uko rwagenze, Liverpool na Real Madrid ntiyahindutse cane kuko abakinyi icenda muri buri murwi bakinye urwo rukino bakiri muri yo. Gusa, batatu mu bakinyi bakomeye si ho baza kuba bari mu rukino rwo kuri uyu wa kabiri. Ramos si ho aza kuba ari ngo yongere avune Salah, Bale si ho aza kuba ari ngo asubire atsinde ibindi bitsindo bibiri, eka na Karius si ho aza kuba ari ngo asubire yihende ahereze umupira Benzema ngo amwinjize igitsindo. Ramos yaravunitse, abo babiri nabo bakina mu yindi mirwi batijijwemwo. None biragenda gute? Ni kuva isaha zitatu z'ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda. Urundi rukino rutegekanijwe ni uruza guhuza Manchester City yo mu Bwongereza na Borussia Dortmund yo mu Budagi. Ejo ku wa gatatu, Bayern Munich izohura na Paris St-Germain,nayo FC Porto ihure na Chelsea. https://www.bbc.com/gahuza/imikino-56646111 +sports Ian Wright yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza ati: Ihiganwa CAN/AFCON ririko 'rirasuzugurwa' "Ian Wright yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza avuga ko ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru rya Afrika ririko ""rirasuzugurwa"" n'ibinyamakuru bimwe bimwe bifise intumbero mbi. Iri higanwa rihuza imirwi 24 ryitezwe gutangura icese ku wa 09 z'ukwa mbere kuza kandi rikazohuriramwo n'abakinyi b'ibihangange bo mu mirwi itandukanye ikomakomeye yo ku mugabane wa Bulaya. Umumenyereza wa Crystal Palace Patrick Vieira na we nyene ari mu basaba ko iri higanwa rihabwa icubahiro cose. Aciye ku rubuga rwa Instagram, Wright yavuze ati: ""Ubwo hoba hari ihiganwa rindi ryoba risuzugurwa nk'ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru rya Afrika?"" Avuga ku kungene ibinyamakuru bivuga iri higanwa rya CAN/AFCON, agira ati: ""Nta teka na rimwe rindi risumba guserukira igihugu cawe. Ivyandikwa n'ibinyamakuru kuri iri higanwa vyuzuyemwo ivanguramoko. ""Twarakinye ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru ca Bulaya turikinira mu bihugu 10 kubera ikiza, kandi nta ngorane vyateye. Ariko kubona Cameroun ari yo yonyene yakiriye iri higanwa, ni ikibazo. ""Hari abakinyi bama babazwa nimba bazokwitabira imirwi nserukirabihugu yabo. Iyumvire iyaba yari umukinyi w'Ubwongereza yategerezwa guserukira umurwi nserukiragihugu. Urazi umunezero uba uhari?"". Umusatirizi wa Côte d'Ivoire akinira Ajax Sebastien Haller avuga ko kubona hari abashaka ko umukinyi aheba gukinira igihugu ciwe kugira abandanye akinira umurwi wiwe ""vyerekana agasuzuguro bafise kuri Afrika"". Yabwiye ikinyamakuru co mu Buholande De Telegraaf ati: ""Hari umukinyi w'umunya Bulaya yari kubazwa iki kibazo iyaba ryari ihiganwa rya Bulaya?"" ""Neza cane, nzotegerezwa guserukira Côte d'Ivoire. Iri ni ryo teka risumba ibindi vyose"". Hagati aho, uyu mukinyi w'imyaka 27 avuga ko gutakaza inkino zo mu murwi wiwe ""bibabaje cane"". Haller yongerako ati: ""Ntibingwa neza iyo ngeze aho mpitamwo gukinira igihugu canje canke umurwi wanje"". N'aho imirwi itari mike izotakaza abakinyi bayo bakomakomeye mu kwa mbere kuza - harimwo na Crystal Palace yiteze gutakaza Cheikhou Kouyate, Wilfried Zaha na Jordan Ayew - umumenyereza wayo Vieira agaruka ku ciyumviro ca Haller. Vieira, yatsindiye igikombe c'isi yose hamwe n'ica Bulaya igihe yakinira Ubufaransa, avuga ati: ""Ndubaha kandi ndatahura igishika n'akamaro ku bakinyi kuja guserukira ibihugu vyabo, rero sinshobora kuzibira umukinyi n'umwe ngo ndamubuze kuja gukinira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika"". ""Ndemera ko iri higanwa ritegerezwa gusonerwa - kuko iri higanwa ni nkenerwa nk'uko ayandi mahiganwa ya Bulaya ari nkenerwa"". Liverpool, umwe mu mirwi iriko irarwanira bikomeye ihiganwa ry'Ubwongereza, izogira uruhombo rudasanzwe kuko izobura umusatirizi wayo karuhariwe, Mohamed Salah, umusatirizi mugenziwe Sadio Mane hamwe n'umukinyi wo hagati Naby Keita bose biteze kwitabira iri higanwa rya Afrika. Manchester City iri imbere mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, izotakaza Riyad Mahrez, mu gihe umurwi ugira kabiri Chelsea nawo uzotakaza umunyegori wawo Edouard Mendy nayo West Ham itakaze Said Benrahma azoja guserukira Algeria. Leeds United, Newcastle United, Norwich City na Tottenham niyo mirwi yonyene itazotakaza umukinyi n'umwe kubera iri higanwa rya Afrika. Abakinyi bemerewe gukinira imirwi yabo gushika ku wa 03 z'ukwa mbere hanyuma bace baja guserukira ibihugu vyabo muri iri higanwa ry'igikombe ca Afrika, ni inyuma y'aho FIFA ihinduriye ingingo ""ku mvo z'ubugwaneza"", yategeka iyi mirwi kurekura abakinyi bitarenze ku wa 27 z'uku kwa cumi na kabiri. Wright ati: ""Muri iki gihe, abakinyi beza beza i Bulaya ni abanyafrika"". ""Nimba tubakunda bari mu mirwi y'iwacu kubera iki tudashobora kubakunda bari mu mirwi nserukirabihugu yabo nka bagenzi babo b'ahandi kw'isi yose? Kubera iki abantu bagenda banebagura iri higanwa?"" ""Ndashimira cane abakinyi nka Sebastien Haller biyamiriza amajambo mabi y'ibinyamakuru bimwe bimwe, hamwe na Patrick Vieira yavuye mu gacerere agashira ahabona ibi bintu. ""Niyo mpamvu ari ngombwa kugira umumenyereza w'umwirabure ashobora kwumvisha abantu amamuko yiwe n'akamaro iri higanwa rifitiye Abanyafrika. ""Nipfurije imigisha myinshi Cameroun kubona yemeye kwakira iri higanwa, hamwe n'abakinyi bose n'abakunzi b'umupira w'amaguru""." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-59827229 +sports George Weah ati: 'Imirwi myinshi izozimangana' kubera coronavirus "Uwahoze ari umukinyi mpuzamakungu, George Weah, ubu akaba ari umukuru w'igihugu ca Liberia, avuga ko hari igipfungu kuri kazoza k'inkino muri Afrika inyuma ya coronavirus, bikanaboneka ko ata n'icemezo c'uko zizosubira gutohoka. Ku mugabane wa Afrika, inkino zarahagaritswe nk'uko vyagenze mu bundi burere bwo kw'isi, kubera ikiza ca covid-19. No mu bihugu bimwe bimwe izo nkino zabandanije, ziba mu kanywababu canke hari abarorerezi bari ku rushi. Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru categuwe n'ishirahamwe Africa Sports Ventures Group, uyo yahoze ari umukinyi rurangiranwa kw'isi, Georges Weah, avuga ko ico kiza ari akaga gakomeye, haba ku mirwi yo nyene ubwayo, canke no mu mahiganwa iyo mirwi isanzwe ikinamwo. Weah ati: ""Inkino zibeshwaho cane cane n'abafatabuguzi hamwe n'abishingizi - aho rero ivyo bitari, imirwi myinshi izozimangana, eka n'amahiganwa atari make azohagarara burundu"". Kubw'iwe, iyi coronavirus, ifatanye n'igabanuka rishobora kwibonekeza ry'abishingizi mu gihe amakompanyi ariko agerageza kugabanya amahera akoresha kubera uruhombo rutewe na coronavirus, ni ikibazo gikomeye ku mupira w'amaguru. Yongerako ati: ""Eka naje ndemera ko kazoza k'inkino muri Afrika inyuma ya Covid-19 karimwo igipfungu kandi nta cemezo gihari ko zizosubira kuvyuka. Ikizoba cihutirwa ni uko umupira w'amaguru usubira kunagurwa, co kimwe n'izindi nkino"". Kubw'iwe, ni vyo ko ikizoba ari nkenerwa cane gusumba ibindi ari ""ukuvyura ubutunzi, ariko ni nkenerwa ko abarondera amafaranga babona akamaro k'inkino mu buzima bw'abantu""." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-52822329 +sports Salima Mukansanga azohagarikira inkino z'igikombe c'isi muri Qatar mu 2022 Umunyarwandakazi Salima Mukansanga yagenywe kuba mu bazohagarikira inkino za nyuma (finales) z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru kizokinirwa Qatar uyu mwaka wa 2022. Nta mugore yari bwabe umuhagarikizi mu nkino z'umupira w'amaguru mu rwego rw'abagabo, buzoba bubaye ubwa mbere muri iryo higanwa rizoba mu kwezi kwa Munyonyo (11). https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61514658 +sports Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Lewandowski, Nunez, Mane, Pogba, Nkunku n’abandi Manchester United igiye kwinjira mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski w’imyaka 33 mu gihe icipfuzo ciwe co kwimukira muri Barcelona cokwanka, ni mu gihe uyu murwi wo muri Espagne uriko urarondera kwikurako bamwe mu bakinyi bayo bahembwa menshi. (Sun) Paris St-Germain nayo nyene iripfuza Lewandowski mu gihe asigaje umwaka umwe mu masezerano afitaniye na Bayern Munich. (L'Equipe) Chelsea nayo nyene iriko kandi irategura kwinjira mu rugamba rwo kurondera Lewandowski, ariko nta ngingo ishobora gufata gushika agurishije umusatirizi wayo umubirigi Romelu Lukaku  w’imyaka 29 yaguzwe imiriyoni 97.5 z’ama pawundi. (Star) Liverpool yageze ku masezerano yok u munwa kugira ngo igure umusatirizi w’umunya Uruguay Darwin Nunez w’imyaka 22 asanzwe akina muri  Benfica ikaba iriko irategura urwandiko mu ntumbero yo guheraheza amasezerano azoyitwara imiriyoni 85 z’amapawundi. (Guardian) Aya masezerano asigura ko umusatirizi wa Senegal  Sadio Mane w’imyak  30,ari hafi yo kuva muri Liverpool akaja muri Bayern Munich. (Telegraph ) Tottenham iri mu biganiro bigeze kure kugira irabe ko yoshobora kugura umusatirizi wa Everton umunya Brezili Richarlison w’imyaka 25, ku miriyoni 51 z’amapawundi. (UOL Esport) Manchester City izosaba imiriyoni 80 z’amapawundi ku munya Portugal akina hagati Bernardo Silva mu gihe Barcelona yogerageza kugura uyu mukinyi w’imyaka 27. (Sunday Mirror) Chelsea yahawe icizere inyuma y’aho Barcelona yemereje ko umukinyi wo ku ruhande umufaransa Ousmane Dembele w’imyaka 25 ataratera amasezeranomashasha yemerewe. (Sun) Umukuru wa Barcelona Joan Laporta avuga ko uyu murwi uri hafi yo gushika ku masezerano mashasha n’umukinyi wo hagati w’umunya Espagne Gavi  w’imyaka 17, mu gihe amasezerano afitaniye nayo asigaje umwaka umwe. (Marca) Umusatirizi w’umufaransa Christopher Nkunku w’imyaka 24 ariteguye kuguma muri  RB Leipzig agatera igikumu ku masezerano mashasha n’aho imirwi ya Manchester United na Chelsea imurondera. (Leipziger Volkszeitung) Arsenal ni umwe mu mirwi itari mike iriko irakurikiranira hagufi ingene ivya  Marco Asensio bigenda muri Real Madrid  mu gihe kazoza k’uyu mukinyi wo hagati wa Espagne afise imyaka 26 kitezwe kumenyekana mu ndwi iza. (Mirror) Umukinyi wo hagati umufaransa Paul Pogba w’imyaka 29, agiye gusubira muri Juventus mu masezerano y’imyaka ine afise agaciro k’imiriyoni 68 z’amapawundi, ni inyuma y’aho asezereye muri Manchester United. (Gazzetta dello Sport) Arsenal iri mu biganiro vyo kugurisha umunyegori, umudagi Bernd Leno w’imyaka 30 kuri Fulham mu gihe c’igura n’igurisha ry’abakinyi muri rino ci. (Sun) Fulham kandi irizeye ko ishobora kuronka abakinyi babiri na Liverpool umunya Pays de Galles akina inyuma Neco Williams w’imyaka 21, hamwe n’umusatirizi w’umuyapani Takumi Minamino w’imyaka 27. (90min) Umukinyi wo hagati w’umuswisi Granit Xhaka w’imyaka 29 yabonetse ko aronderwa n’umurwi   Bayer Leverkusen mu Arsenal yakenyeye mu rugamba rwo kurondera umubirigi akina hagati Youri Tielemans w’imyaka 25 akina muri Leicester. (Mirror) Umunya Serbia akina hagati Nemanja Matic mu ndwi iza azofatwa ibipimo vyo kwa muganga muri Roma mu gihe uyu mukinyi w’imyaka 33 ari hafi yo kwinjira muri uno murwi wo mu Butaliyano kuri gusa, inyuma y’aho amasezerano afitaniye na Manchester United azorangirira mu mpera z’uku kwa gatandatu. (Il Corriere dello Sport) Liverpool iriko irihweza ingene yorekura umukinyi w’inyuma w’umwongereza Nat Phillips w’imyaka 25 ko yosubira muri Bournemouth ku ntizo mu mwaka w’inkino uza. (Mirror) Luis Suarez nta ngingo ntabanduka arafata ku bijanye na kazoza kiwe ariko Aston Villa iracari mu rugamba rwo kurondera uyu musatirizi w’umunya Uruguaa afise myaka 35 ubu. (Mundo Deportivo) Juventus iriko iratera intambwe mu biganiro iriko igiriranira na Atletico Madrid kugira irabe ko yoronka burundu umusatirizi w’umunya Espagne Alvaro Morata  w’imyaka 29 yahoze akinira Chelsea. (TuttoSport) https://www.bbc.com/gahuza/articles/clmxl3ddxnpo +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mbappe, Ronaldo, Haaland, Saul, Richarlison, Trippier, Van de Beek, Zouma Paris St Germain ishobora kurondera umusatirizi wa Everton umunya Brésil Richarlison, 24, nk'uwushobora gusubirira umufaransa Kylian Mbappe, 22, ariko araronderwa hasi hejuru na Real Madrid(Eurosport) Umusatirizi wa Juventus umunya-Portugal Cristiano Ronaldo, 36, ariko akora uko ashoboye kwose ngo arabe ko yokwimukira muri Manchester City - umugwi watahukanye ihiganwa Premier League ryo mu Bwongereza - muri ino ndwi ya nyuma y'igihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi, ni mu gihe uyu mukinyi yahoze akinira Manchester United kandi yari akunzwe cane atanarajwe ishinga n'umwaka usigaye mu masezerano afitaniye n'umugwi wiwe mu Butaliyano. (L'Equipe - in French) Ronaldo aramaze kuvugana ivyerekeye ivyo kwimukira muri City na bagenziwe b'abanye Portugal ari bo Bernardo Silva, Ruben Dias, 24, hamwe n'umukinyi w'inyuma Joao Cancelo, 27. Umukinyi wo hagati Silva canke umukinyi w'inyuma Aymeric Laporte ba City bompi bafise imyaka 27, bashobora kuba mu boguzwa na we. City irafise ishaka ryo guha Ronaldo umushahara yipfuza, ariko ntiyiteguye gutanga igiciro gisabwa. (L'Equipe - in French) Manchester United iri kw'isonga mu rugamba rwo kurondera wa musatirizi wa Borussia Dortmund umunya-Norvege Erling Braut Haaland mu ci riza. Uyu mukinyi w'imyaka 21 yarihaye ikibanza gikomeye nk'umwe mu bakinyi bakomeye bari kw'isoko, inyuma yo kwinjiza ibitsindo 62 vyose mu mikino 63 gusa muri uwo mugwi wo mw'ihiganwa ry'Ubudagi Bundesliga. (Bild - in German) Chelsea ishobora guhangana na Manchester United mu gihe yokwongereza agacanwa mu kurondera ko Atletico Madrid yoyitiza umukinyi wo hagati umunya-Espagne Saul Niguez, 26. (Guardian) Atletico Madrid yamaze kubona uwo yoca irondera, uyu na we akaba ari umunya-Espagne akina hagati Pablo Sarabia w'imyaka 29 akina muri Paris St-Germain mu gihe Saul yoramuka agiye. (Marca) Arsenal yatanguye ibiganiro na Atletico Madrid kugira ngo irabe ko yoyiha umukinyi w'umwongereza akina inyuma ku ruhande rw'i buryo Kieran Trippier, n'aho uyu mukinyi w'imyaka 30 wewe yipfuza kwigira muri Manchester United muri gihe yoramuka avuye muri uyo mugwi wo ku mugwa mukuru wa Espagne. Ariko gusa, aba Gunners ntibiteguye gutanga amafaranga yababa imiriyoni 47 asabwa kuri uyu mukinyi yahoze akina inyuma muri Tottenham. (Eurosport) Tottenham yatanguye kuvugana na Lyon ku bijanye n'umukinyi wo hatati Houssem Aouar, 23. (Sky Sports) Abakinyi batari bake: umunya Bresil akina ku ruhande, Willian Borges da Silva, akunzwe kwitwa Willian, 33, umwongereza akina inyuma ku ruhande rw'i buryo, Ainsley Maitland-Niles, 23, umusatirizi w'umwongereza Eddie Nketiah , 22, umunya Espagne akina inyuma Hector Bellerin, 26, umunya -Uruguay akina hagati Lucas Torreira, 25, umwongereza akina ku ruhande Reiss Nelson, 21 hamwe n'umunya Bosnia akina inyuma ku ruhande rw'ibubamfu Sead Kolasinac, 28, abo bose bashobora kuba muri Arsenal mu ndwi iza. (Standard) West Ham iriko iritegura kugura umusatirizi w'umufaransa Gaetan Laborde, 27 akina muri Montpellier , ariko rero uyu mugwi wo muri Ligue 1 ushobora kuba umuronderako n'imiburiburi imiriyoni 17 z'amadorari y'abanyamerika. (Le 10 Sport - in French) Aba Hammers bafise icizere cinshi co kuronka umufaransa akina inyuma Kurt Zouma muri Chelsea bakaba bamaze gutera intambwe muri uru rugamba rwo kurondera uyu mukinyi w'imyaka 26. (Telegraph - subscription required) West Ham iriko irihweza nimba ikwiye kurondera umukinyi wo ku ruhande wa CSKA Moscow umunya-Croatia Nikola Vlasic w'imyaka 23, ari nka hamwe vyokwanka ko ironka umusatirizi wa Manchester United umwongereza Jesse Lingard, 28, aboneka ko ashobora kwigumira i Old Trafford. (Telegraph - subscription required) Abaserukizi b'umunya-Hollande Donny van de Beek, 24, ntibakeneye kwumva abarondera umukinyi wo hagati wa Manchester United, mu gihe yiteguriye urugamba rwo kurondera ikibanza ca mbere muri uyu mugwi. (Times - subscription required) Umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i buryo wa Liverpool umunya Pays de Galles Neco Williams, 20, ashobora kubandanya akinira uwu murwi mu gihe abariko bamurondera basa n'abakuyemwo akarenge muri zino ndwi za nyuma. (Liverpool Echo) Uwujejwe ubuhinga muri Arsenal Edu asa n'uwutorohewe, mu gihe Mark Overmars aboneka ko ashobora kumusubirira. (Express) Inter Milan iri hafi yo kuronka umusatirizi wa Lazio umunya-Argentine Joaquin Correa, 27, ku miriyoni 30 z'ama euros (Fabrizio Romano) Lyon yemeye igiciro c'imiriyoni 20.5 z'amadorari y'abanyamerika gitangwa na Burnley ku mukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu w'umunya-Côte d'Ivoire Maxwel Cornet ubu umupira ukaba usigaye mu maboko yiwe, nimba azokwemera kuja muri uyu murwi. (Sky Sports) Abakinyi babiri ba Barcelona bakina inyuma Sergi Roberto, 29, hamwe na Sergio Busquets, 33 akina hagati, bompi abanya-Espagne, bari hafi yo kwemera gukatwa umushahara muri uno murwi wa La Liga. (Marca) https://www.bbc.com/gahuza/imikino-58330226 +sports Africa Cup of Nations: Abafana bazotegerezwa kwicandagisha no kwerekana ibipimo vya Covid "Abariko barategura inkino z'igikombe ca Afrika muri Cameroun bavuga ko abafana bonyene bamaze kuronka incanco zose za Covid-19 n'ibipimo vyerekana ko badafise uwo mugera ari bo bazemererwa kuraba izo nkino. Mw'itangazo ry'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Cameroun (Fecafoot) n'iryo umupira w'amaguru muri Afrika (Caf), basubiye kwemeza ko iryo higanwa rizoba hagati y'itariki 9 z'ukwezi kwa mbere n'itariki 6 z'ukwezi kwa kabiri. Imigwi 24, imwe muri iyo ikaba ikinamwo abakinyi rurangiranwa bo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza nka Mohamed Salah wo mu Misri, Sadio Mane wo muri Senegal na Riyad Mahrez wo muri Algeria izoba iri muri iryo higanwa. Iryo tangazo rigira riti:""Reta yarateguye amategeko adasanzwe yo guhangana n'ikiza Covid mu gihe c'izo nkino. ""Abafana bashobora kuzinjira ku kibuga ahabera ihiganwa igihe gusa bazoba bacandazwe bakanerekana ibipimo vya Covid vyerekana ko badafise uwo mugera mu masaha 72. ""Abategetsi muvyo amagara y'abantu bazofata ingingo zose zikenewe zo gufasha mu gucanca abantu no gupima Covid ahantu hose igihe hazoba hariko haraba iryo higanwa."" Gushika ubu abantu 2% b'abanye Cameroun baramaze gucandagwa, nk'uko biri mu biharuro bitangwa na Our World in Data. Inkino z'igikombe ca Afrika, zagiye zirunguruzwa kubera Covid, zizokinirwa ku bibuga bitanu muri Cameroun, harimwo n'umugwa mukuru Yaounde. Mu misi cumi n'itanu iheze, ishirahamwe ry'imigwi y'umupira w'amaguru ku mugabane wa Buraya, urwego rwigenga, rwarerekanye ""amakenga""rufise ku magara y'abakinyi kubera ikibazo c'ubundi bwoko bwa coronavirus bwitwa Omicron hamwe ""n'ingene ivyerekeye amagara y'abantu bimeze nabi cane"". Hari ibihuha vyakwiragijwe muri uku kwezi ko iryo higanwa rishobora kwungururizwa ku rindi sango canke mu kindi kibanza, ariko Caf yarabihakanye igihe yavugana na BBC Sport Africa mu ndwi iheze. Ku musi wa gatatu, uwujejwe gutumatumanako amakuru Lux September yaranebaguye ububeshi bw'ibimenyeshamakuru mu kwishura kuri kimwe cavuga ko izo nkino zishobora guhagarikwa, hanyuma mw'itangazo ryo ku musi wa kane rinemeza ko iryo higanwa rizoba uko ryateguwe. Iryo tangazo rigira riti:""N'aho hari ibindi bibazo vyiyongereye biturutse kuri iki kiza, iri higanwa ritegerezwa kuba. ""Ikiza Covid na Omicron vyatumye hafatwa ingingo ruhasha zogutuma uwo mugera udakwirakwizwa, kuko ugeramiye ibintu vyinshi. ""Uko biri kose, ubuzima butegerezwa kubandanya kandi dutegerezwa kubana n'uwo mugera.""" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59698346 +sports Igikombe c'isi 2022: DR Congo irarondera itike ya Coupe du Monde iherukamwo mu 1974 "Urugendo rurerure rwo gushika mu gikombe c'isi ca 2022 ruzorangira mu minsi itanu iri imbere hamenyekanye abazoja mu bibanza bitanu vyo muri Qatar Ibihugu cumi nivyo biri mu nkino zo gukuranamwo zizohuza imigwi ibiri ibiri, urutonde rw'ingene bizokina rukaba ruhuza bimwe mu bihangange. Ata n'amezi indwi aheze batanye mu mitwe mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Afrika, Misiri na Senegal vyongeye gusekana - ubu naho bigwanira ikibanza ca Qatar. Sadio Mane yaratwaye mugenziwe bakinana muri Liverpool Mohamed Salah igikombe ca Afrika, none umwe muri abo basatirizi ntazoshika mw'ihiganwa rikomeye ry'isi mu mpera z'uyu mwaka. Inkino za mbere ziba kuri uyu wa gatanu itariki 25 Ntwarante/Werurwe, izo gusubiza nazo inyuma y'iminsi ine. Ku ncuro ya mbere, izo nkino za Afrika z'igikombe c'isi zizoba zirimwo bwa buhinga bwo guhagarikira urukino hakoreshejwe video (Video Assistant Referee) Ivyo bihugu vyompi vyari mu gikombe c'isi giheruka mu Burusiya ariko nta na kimwe cashoboye kurengana igice ca mbere. Senegal irondera kuja ubwa gatatu muri ico gikombe mu gihe Misiri ishitseyo bwoba bubaye ubwa kane, bukaba ni ubwa kabiri igiye yikurikiranya. Aliou Cisse yagumanye benshi mu bakinyi bafashije Senegal gutahana igikombe ca Afrika ubwa mbere mu gihe Intambwe za Teranga zirondera gushika mu gikombe c'isi inyuma y'imyaka 16 zidashikayo kuko baherukayo ubwa nyuma mu 2018. Umumenyereza w'aba-Pharaons Carlos Queiroz avuga ko ""ata kibanza c'imbabazi canke zo kuvuga ngo hanyuma' kuri twitter. Misiri niyo izokwakira urukino rwa mbere, Senegal nayo ikazokwakira urwa kabiri ku kibuga cayo gishasha ku wa kabiri. Bibiri mu bihugu bikomeye cane vyo muri Afrika y'uburengero bigiye guhura bigwanira ikibanza co muri Qatar, uguhura gushobora kuzomara igihe kwibukwa kubera ubukeba buri hagati y'ivyo bihugu. Nigeria, yafashe ingingo yo kugumana Augustine Eguavoen inyuma y'igikombe ca Afrika, iriko irarondera kuja ubugira kane yikurikiranya mu gikombe c'isi, mu gihe Ghana irondera gusubirayo inyuma yo kunanirwa gushika mu Burusiya mu 2018. Otto Addo, yagenywe kuba umumenyereza w'imfatakibanza inyuma yahoo Black Stars barangije ari aba nyuma mu mugwi wabo w'igikombe ca Afrika, aho uwahoze ari umumenyereza muri Premier League Chris Hughton aca agenwa kuba umuyobozi w'ubuhinga, inyuma y'aho Milovan Rajevac yirukaniwe. Ghana cabaye igihugu ca gatatu co muri Afrika cashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe c'isi co mu 2010, aho yatsinzwe na Uruguay ku ma penalty, ubu ikaba irondera gushika mu gikombe c'isi ku ncuro ya kane. Ivyo bihugu vyompi ntibirasubira mu gikombe c'isi kuva ku cabereye muri Brezil mu 2014 ubu bikaba birondera kwivyukiranya inyuna y'igikombe ca Afrika. Cameroun, n'umumenyereza wayo mushaha Rigobert Song, yatahukanye ikibanza ca gatatu kandi iriko ikinira i muhira ubu ikaba irondera gushika ku ncuro y'umunani mu gikombe c'isi- zikaba arizo ncuro nyinhsi ku gihugu co muri Afrika gushika ubu. Algeria ntiyakije mu kugwamira igikombe ca Afrika yari yatsindiye mu 2019, aba-Fennec bakaba binjije igitsindo kimwe gusa aho bahejeje ata ntsinzi n'imwe baronse kandi bagaheza ari aba nyuma mu mugwi barimwo. Umumenyereza Djamel Belmadi, yari yafashe uwo mugwi kuva mu kwezi kwa munani mu 2018, yari yamaze inkino 35 adatsinzwe na rimwe ariko mu buryo bwatangaje cane aza gutsindwa na Guinee Equatoriale. Mali niyo ynyene muri iyo migwi itarigera ishika mu gikombe c'isi, Inkona zizokina na Tunisia mu gihe zitarenze igice ca 16 mu gikombe ca Afrika giheruka. Ivyo bihugu vyarahuye mu gice c'imigwi muri Cameroun, Mali itsinda 1-0, ariko urwo rukino rwaratobwe n'umuhagarikizi w'umunya-Zambia Janny Sikazwe yavugije ifirimbi y'uko urukino ruheze hataragera inyuma yo gutekerwa n'ubushuhe. Tunisia yaciye yirukana umumenyereza Mondher Kebaier inyuma yo kuviramwo mu gice ca kane gishira ica nyuma, uwamwunganira Jalel Kadri aca ashingwa uwo mugwi muri izi nkino zibiri. Ico gihugu co muri Afrika ya ruguru kirondera gusubira mu gikombe c'isi cikurikiranya, mu giheruka mu mu Burusiya caviriyemwo mu gice ca mbere. Inyuma yo kuviramwo mu gice ca mbere mu gikombe co mu 2018, harimwo gutsindwa na Iran na Portugal hamwe no kunganya na Espagne, Maroc bakeneye gusubira mu gikombe c'isi bakomereze ku ntambwe bateye mu Burusiya. Tuniia irondera kuronka itike ya gatandatu yo gushika mu gikombe c'isi, aho yacitaba mu 2018 ikaba yari imaze imyaka 20 idahonyozayo ikirenge. Intare zo muri Atlas zavanywe mu gikombe ca Afrika mu gice ca 16 na Misiri, ariko abo bagiye guhura mu kugwanira ikibanza co muri Qatar bo ntibanashitse muri Cameroun. Repurika ya Demokrasi ya Congo imaze gushika mu gikombe c'isi rimwe gusa, ico gihee yari ikitwa Zaire mu 1974 igihe yatsindwa inkino zose zitatu zo mu migwi. Umugwi nserukiragihugu wa DR Congo (Les Leopards) niwo wanyuma ku rutonde rw'isi mu zizokwitaba izo nkino zo gukuranamwo, ufise ikibanza ca 66 kw'isi, ukaba ukina urukino rwa mbere i Kinshasa kuri uyu wa gatanu." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60873480 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Griezmann, Ings, Neves, Varane, Locatelli, Romero, Donnarumma, Grealish Chelsea iri mu migambi yo kurondera ko Barcelona yoyitiza umusatirizi w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30. (Daily Express) Ariko Chelsea yabwiwe ko iriko irata wakuba, mu gihe iriko yongereza akariro mu kurondera kugura umusatirizi wa Borussia Dortmund umunya Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20 muri rino ci. (Sky Sports) Manchester United iri hafi yo kwumvikana n'umukinyi w'inyuma wa Real Madrid umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28. (Manchester Evening News) Tottenham iriko irarondera, imbere y'ibindi vyose, umusatirizi wa Southampton umwongereza Danny Ings w'imyaka 28, ikaba yemeza idakekeranya ko ashobora gukinana na Harry Kane, ishaka kugumana uko vyogenda kwose, ku ruhande rw'ubusatirizi. (Telegraph) Arsenal iripfuza kugura umukinyi wo hagati wa Wolves umunya Portugal Ruben Neves ku miriyoni zirenga 48 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun) Aba Gunners kandi bariko bararondera umutaliyano akina hagati Manuel Locatelli w'imyaka 23 asanzwe akina muri Sassuolo mbere akaba akinira umurwi nserukiragihugu uherutse gutahukana Euro 2020, ariko kandi na Juventus imuraba ryiza. (AS) Spurs na Manchester United ziriko irarondera umukinyi w'inyuma, umunya Argentina Cristian Romero w'imyaka 23 asanzwe akina muri Atalanta yatijijwemwo avuye muri Juventus. (Calciomercato) Arsenal yanse guha Aston Villa umwongereza akina hagati Emile Smith Rowe w'imyaka 20, ubwa mbere ikaba yari yatanze imiriyoni 34.6 y'amadorari Arsenal irayanka, ubu naho ikaba yasubiye kwanka izindi miriyoni 41.5 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail) Paris St-Germain iri hafi yo gutangaza ko yaguze umunyegori wa AC Milan umutaliyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 22 asanzwe anasamira umurwi nserukiragihugu utahukanye Euro 2020. (Daily Express) Umukinyi wo hagati wa Aston Villa umwongereza Jack Grealish w'imyaka 25 yagabishijwe ku bivugwa ko yoba ariko arondera kwimukira mu murwi Manchester City uherutse gutahukana ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League. (Daily Mirror) Southampton iri mu biganiro na Newcastle United kugira irabe ko yoronka umwongereza akina hagati Isaac Hayden w'imyaka 26, mu gihe iyi mirwi yoshika ku masezerano umunya Gabon Mario Lemina w'imyaka 27 ashobora guca aja gukinira Newcastle United . (Mail) Umwongereza akina ku ruhande Andros Townsend w'imyaka 29 ariko ararondera uwundi murwi yoja gukinira inyuma y'aho yemereye ko hari amahirwe make cane ko Crystal Palace imwongera ayandi masezerano. (Evening Standard) Arsenal irashaka kugumana umwongereza akina hagati Joe Willock w'imyaka 21 muri rino ci, n'aho Newcastle United yipfuza kugumana uyu mukinyi yavyifashemwo neza igihe yatizwa muri uno murwi mu 2020-21. (Newcastle Chronicle) Brentford yahambije West Brom mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Chelsea umunya Sierra Leone Trevoh Chalobah. Umurwi wo mu Bufaransa Lorient na wo nyene uripfuza uyu mukinyi w'imyaka 22. (Express & Star) Umunya Bresil Felipe Anderson w'imyaka 28 asanzwe akina hagati muri West Ham ari mu Butalirano aho yagiye gutera igikumu ku masezerano yo gusubira mu murwi Lazio - imyaka itatu inyuma y'aho aviriye muri uyu murwi wa Serie A agiye muri West Ham. (Evening Standard) https://www.bbc.com/gahuza/imikino-57832524 +sports Novak Djokovic: Australia yongeye gufuta visa y'ico camamare muri tennis "Novak Djokovic yimirije gupfungwa ku wa gatandatu inyuma y'aho Australia ifutiye visa yiwe ubugira kabiri mu mpari z'uko aguma mu gihugu atacandazwe. Iyo ngingo yafashwe ku mvo ""z'amagara n'ukwubahiriza umutekano"" isigura ko ashobora kwirukanwa kandi agaca abuzwa gusubira guhabwa uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu ikiringo c'imyaka itatu. Abashingwamanza ba Djokovic bavuze ko iyo ngingo ""bigaragara ko itumvikana"" kandi baja kwunguruza. Uwo nomero ya mbere muri tennis y'abagabo yari ategekanijwe gukina mw'ihiganwa rya Australian Open rizotangura ku wa mbere. Umushikiranganji wa Austrilia ajejwe abasohoka n'abinjira Alex Hawke yavuze mw'itangazo ati: ""Uyu munsi nakoresheje ububasha bwanje… kugira mfute visa yari ifiswe na Novak Djokovic ku mvo z'amagara no kwubahiriza umutekano, kuko kubikora vyari mu nyungu z'abanyagihugu"". Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yavuze ko iyo ngingo yafashwe ""vyihwejwe neza"". Mw'itangazo yavuze ati: ""Abanya-Australia bahevye vyinshi cane muri iki kiza, gutyo birumvikana ko bitega ko ivyavuye muri uko kwiheba bikingirwa."" Mu ntahe yihuta ya sentare ijoro ryitereye inyuma y'aho ingingo itangarijwe ku wa gatanu, umucamanza Anthony Kelly yafashe ingingo y'uko Djokovic adashobora kwirukanwa mu gihe hakibandanya ivyo kwunguruza urwo rubanza. Intahe y'urubanza rwo kwunguruza yitezwe ku wa mungu. Umucamanza yavuze ko reta ishobora kupfunga Djokovic ahejeje kubonana n'abategetsi bajejwe abinjira n'abasohoka i Melbourne ku wa gatandatu mu gitondo. Ariko azoba yemerewe kuja mu biro vy'abamwunganira mu mategeko kugira bategure intahe yo ku wa mungu. Abunganira Djokovic mu mategeko bavuze ko ingingo y'umushikiranganji yo gufuta visa yiwe ''bigaragara ko itumvikana"". Umushingwamanza wa Djokovic , Nicholas Wood yavuze ko ingingo yafashe atari ukubera ko ashobora kugeramira abanyagihugu, ahubwo ari ukubera ko ""azokabura agatima ko kurwanya incanco"". N'ubwo Djokovic atiteje urucanco, nta ruhara rweruye yaguze bikorwa yagize vyo gutere intege amakuru atari yo y'abagwanya incanco. Wood yongeye ko umushikiranganji yahisemwo ''kuvana umuntu w'igihagararo ciza"" muri Australia no ''kwonona"" kazoza kiwe k'inkino kubera amajambo agwanya incanco Djokovic yavuze mu 2020. Uwo mukinyi amaze gutsinda Australian Open incuro icenda yari yizigiye kurwanira ikibanza ciwe ku ndwi iza, hamwe yari gutsinda, akaba yociye aba uwa mbere aronse intsinzi nyinshi muri kahise k'urwo rukino mu ruhande rw'abagabo ku ntsinzi 21 za Grand Slam. Gushika ubu Djokovic aracari muri iryo higanwa aho vyitezwe ko azohura n'umuvukagihugu wiwe Miomir Kecmanovic ku ndwi iza. Hamwe yokwirukanwa, ikibanza ciwe gishobora guca kijamwo umurusiya Andrey Rublev. Visa ya Djokovic yari yafuswe ubwa mbere agishika i Melbourne itariki 6 ukwezi kwa mbere, inyuma y'aho abategetsi b'imbibe muri Australia bavugiye ko ""yananiwe no kwerekana icemezo kibereye"" c'uko yarekuriwe kutiteza urucanco. Kuva bikimeyeshwa ko azoja gukina muri Australian Open, abanya-Australia, babaye mu bihe birebire kandi vy'ingingo zikaze za guma mu rugo, bamwe bamwe vyari vyababaje kuko bitagaragara niba azokwubahiriza amategeko akaze cane yo kwinjira muri ico gihugu. Agishika yaciye apfungirwa amasaha makeya ku kibuga c'indege ca Melbourne, mu nyuma amara iminsi mw'ihoteri y'inzego zijejwe abasohoka n'abinjira. Haheze iminsi umucamanza yaciye asesa ingingo yo gufuta visa yiwe aca ategeka ko arekurwa avuga ko ababijejwe batari bakurikije ingingo nyazo igihe yashika. Ariko ku wa gatanu ku mugoroba umushikiranganji Hawke yongeye gufuta visa yiwe yitwaje ubundi bubasha bwo mw'itegeko rya Australia rigenga abimukira. Rimuha ububasha bwo kwirukana uwo wese abona ko ashobora kubanganira amagara, umutekano canke iyubahirizwa ry'amategeko muri Australia"", ariko Djokovic ashobora kwunguruza. Bishitse mu gihe Djokovic yemeye ko uwumufasha mu ngendo yihenze mu kwuzuza urupapuro rw'ingenzi. Djokovic yemeye kandi ko yabonanye n'umumenyeshamakuru yongera arifotoza kandi yari yatowe ko yanduye Covid-19." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59995793 +sports Umunonotsi wa BBC w'umwaka muri Afrika: Christine Mboma Christine Mboma ari mu bahiganirwa agashimwe ka BBC k'umunonotsi w'umunye-Afrika yenuriye abandi mu 2021. Ushaka gutora tugusavye kuja ngaha https://www.bbc.co.uk/sport/africa/59089895 aho unasanga amategeko ajanye n'ubuzima bwite. Gutora bizohera kuwa Mungu itariki 19/12/2021 saa 23:59 GMT. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59600821 +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru : Varane, Sancho, Gerrard, Messi, Martial, Kounde, Benitez, Torreira Umukinyi w'inyuma wa Real Madrid Raphael Varane aripfuza cane kwimukira muri Manchester United muri rino ci, ariko ikibazo nyamukuru kuyi uyu mufaransa w'imyaka 28 gishobora kuba gihagaze ku mushahara uharurwa mu bihumbi 555. 400 vy'amadorari y'abanyamerika (mu marundi ni 1.1 02.4 69.000 FBU) ku ndwi. (Independent) Tottenham ishobora kuvuvudikira umumenyereza wa Rangers Steven Gerrard mu gihe vyonanirana ko ironka uwahoze amenyereza Wolves Nuno Espirito Santo. (Evening Standard) Crystal Palace ishobora kurodera umumenyereza wa Swansea Steve Cooper inyuma y'aho vyankiye ko izana uwahoze amenyereza Borussia Dortmund Lucien Favre kugira ngo asubirire Roy Hodgson. (Sun) Manchester United iri hafi yo kuronka umukinyi wo ku ruhande wa Borussia Dortmund umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 21 - bikaba vyitezwe ko iyi mirwi yompi ishika ku masezerano mu ndwi zibiri ziri imbere. . (Manchester Evening News) Ibiganiro hagati ya wa musatirizi rurangiranwa wa Argentina Lionel Messi n'umurwi wiwe Barcelona bigeze kure mu ntumbero yo kugiriranira ayandi masezerano na we, ariko hari ivya nkenerwa bitarumvikanwako mu gihe amasezerano uyu mukinyi w'imyaka 34 ubu afitaniye nayo yitezwe kurangira mu ndwi iza. (Sky Sports) Umuhagarikizi wa Timo Werner arashimangira ko uyu musatirizi w'umudagi w'imyaka 25 azoguma mu murwi Chelsea, n'aho hari amakuru avuga ko Real Madrid yoba iriko iramurondera. (Sport1, via Sun) Manchester United ishobora kwumviriza abarondera umusatirizi w'umufaransa Anthony Martial w'imyaka 25, hamwe n'umukinyi wo hagati w'Ubuholande Donny van de Beek w'imyaka 24, ni mu ntumbero yo kuduza uburyo bwoyituma yiyubaka gushasha muri rino ci. (ESPN) Everton irarondera umukinyi w'inyuma wa Roma umwongereza Chris Smalling w'imyaka 31 ariko wewe ntiyipfuza kwimukira i Goodison Park. (Mail) Tottenham iriko irarondera umukinyi w'inyuma muri rino ci, umufaransa Jules Kounde w'imyaka 22 akina inyuma muri Sevilla , hamwe na Joachim Andersen w'imyaka 25, umunya Danemark akina muri Lyon bakaba bari imbere mu baronderwa. (Guardian) Rafael Benitez ararondera cane kuja kumenyereza Everton n'aho vyitezwe ko bamwe mu bakunzi b'uyu murwi biyamiriza igenwa ry'uyu yahoze amenyereza Liverpool . (Football Insider) Bitegekanijwe ko muri iyi ndwi Benitez agiriranira ibindi biganiro n'abategetsi b'uyu murwi waba Toffees, igenwa ryiwe rigashobora kwemezwa mu ntango z'indwi iza. (Mail) Everton iri mu biganiro n'umunyegori wa Argentine Sergio Romero w'imyaka 34 yahoze akina Manchester United, kugira aje gusamira uyu murwi ata mahera urinze kumutangako, ariko ikaba imurwanira na Juventus hamwe na Celta Vigo. (Athletic) Arsenal iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Lille Umunya Portugal Renato Sanches w'imyaka 23 asanzwe ariko aravyifatamwo neza mw'ihiganwa rihuza ibihugu vya Buraya, Euro 2020. (90Min) Umiunya Uruguay Lucas Torreira w'imyaka 25 asanzwe akina hagati muri Arsenal aripfuza gusubira mu Butariyano muri rino ci, nk'uko vyemezwa n'umuhagarikizi wiwe. (TuttoMercatoWeb) Aston Villa iriko irihweza ingene yosubira kurondera umukinyi wo hagati wa Arsenal, umwongereza Emile Smith Rowe w'imyaka 20, inyuma y'aho igiciro c'imiriyoni zababa 35 camiriwe kure. (Express and Star, Wolverhampton) West Ham na Tottenham zompi ziriko zirarondera umunyegori wa Fiorentina, umunya Pologne Bartlomiej Dragowski w'imyaka 23. (La Nazione - via Teamtalk) Leeds United nta mahirwe ifise yo kuronka umusatirizi wa Blackburn umunya Chili Ben Brereton w'imyaka 22 ariko aravyifatamwo neza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Amerika, Copa America. (Lancs Live) Ahubwo, Leeds iriko iragerageza kurondera umusatirizi wa Brésil Matheus Cunha w'imyaka 22 asanzwe akina mu murwi Hertha Berlin wo mu Budagi. (UOL) https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57622818 +sports Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uyu wa 11.07.2019: Malcom, Maguire, Costa, Kean, Alderweireld, Ozil "Arsenal iripfuza kugura umukinyi akina ku ruhande w'umurwi Barcelona, Malcom w'imyaka 22, ni mu gihe na Everton yoyo imaze gutegura imiliyoni 31.5 z'amapawundi kugira igure uyo mukinyi w'umunya Brezili. (Sun) Uwahoze ari umusatirizi wa Liverpool, Dean Saunders , arizigiye ko Ole Gunnar Solskjaer ""atazoshobora kurangiza ihiganwa"" akiri umumenyereza wa Manchester United. (talkSPORT) Solskjaer afise icizere ko azoshobora gutsinda ababanyi bayo ba Manchester City ku giciro kingana n'imiliyoni 75 z'amapawundi igashobora kugura umukinyi w'inyuma wa Leicester City, Harry Maguire w'imyaka 26. (Mail) Diego Costa w'imyaka 30 yahoze ari umusatirizi wa Chelsea ariteguye kuvugana na Everton gutyo agasubira muri Premier League mu gihe ariko yiyumvira ko yova mu murwi Atletico Madrid. (Sun) West Ham yarasavye umurwi Juventus ko bogirana amasezerano kugira ngo ushobore kuyitiza umusatirizi Gonzalo Higuain w'imyaka 31. Uyo mukinyi akomoka muri Argentine yamaze igice c'ihiganwa giheruka mu murwi Chelsea aho yari yatijijwe. (Sky Sports Italia, via Mail) Tottenham na Atletico Madrid ziriko rirarwanira umukinyi wo hagati Dani Olmo w'imyaka 21 akomoka muri Espanye, akaba asanzwe akinira umurwi Dinamo Zagreb umushakako imiliyoni 27 z'amapawundi (AS, via Star) Juventus yamiriye kure igiciro c'imiliyoni 30 z'ama euro yatanzwe na Everton irondera kugura umusatirizi Moise Kean. (Tuttosport, via Sport Witness) Roma iripfuza umukinyi w'inyuma wa Tottenham, Toby Alderweireld, w'imyaka 30 akomoka mu Bubiligi, amasezerano akavuga ko uwumukeneye ategerezwa gutanga imiliyoni 25 z'amapawundi. Umukinyi Mario Lemina wa Southampton afise imyaka 25 akaba asanzwe ariko aronderwa na Manchester United, Arsenal hamwe na Leicester avuga ko atipfuza kubandanya akinira uwo murwi mw'ihiganwa ryimirije. (France Football, via Daily Echo) Tottenham iriko yongereza umurindi mu kurondera ko yotizwa umukinyi wo hagati wa Real Madrid, Dani Ceballos w'imyaka 22. (Mirror) Ariko rero, Arsenal ishobora kunesha abo bakeba bayo bagasinyisha amasezerano na Ceballos. (Marca, via Express) Arsenal iriteguye kugurisha abakinyi b'inyuma Calum Chambers, Carl Jenkinson, canke Mohamed Elneny akina hagati, kugira ngo ishobore kuronka umukinyi wo ku ruhande wa Crystal Palace, Wilfried Zaha. Arsenal yari imaze gutanga imiliyoni 40 z'amapawundi kuri uyo mukinyi w'imyaka 26 akomoka muri Cote d'Ivoire, ariko Palace yarayanse. (Mirror) Manchester City ""iripfuza cane kugumana"" umukinyi wo hagati, Fabian Delph w'umwongereza, n'aho hari ibihuha ko uyo mukinyi w'imyaka 29 yipfuza kuva muri uwo murwi. Aston Villa, Brighton, Bournemouth na Wolves, zose ziripfuza umukinyi wo ku ruhande wa Liverpool, Harry Wilson w'imyaka 22, yamaze ihiganwa riheruka muri Derby iyo yari yatijijwe. (Birmingham Mail) Umukinyi Juan Mata wa Manchester United yaranse umushahara w'amapawundi angana 550,000 ku ndwi yari yamerewe n'umurwi Shanghai SIPG wo mu Bushinwa, aca asinya ayandi masezerano na Man United. (90Min) Uyo mukinyi w'imyaka 31 y'amavuko yasinyiye ayandi masezerano muri uwo murwi kubera ari umwe mu ""mirwi itatu canke ine ikomeye"" kw'isi. (MUTV) David Luiz arizeye ko kubona Frank Lampard asubira I Stamford Bridge bizotuma umurwi Chelsea usubirana iteka ryawo. (Standard) Umurwi Fenerbahce uvuga ko ata bushobozi ufise bwo kugura umukinyi wo hagati Mezut Ozil wa Arsenal. Ni mu gihe amakuru yavuga ko uyo mukinyi yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi, ariko amamuko yiwe akaba ari muri Turukiya yashobora kuja gukina mw'ihiganwa Super Lig ryo muri ico gihugu. (RMC Sport )" https://www.bbc.com/gahuza/imikino-48948943 +sports Tottenham ironse umumenyereza mushasha: Antonio Conte "Antonio Conte ahejeje kugenwa ngo abe umumenyereza mushasha wa Tottenham. Uyu Mutaliyano yahoze amenyereza Chelsea asubiriye Nuno Espirito Santo yirukanywe ejo ku wa mbere. Tottenham imaze igihe itavyifatamwo neza mw'ihiganwa ry'umupira ryo mu Bwongereza Premier League, aho mu rukino ruheruka yakubitiwe muhira na Manchester United, yayiteye bitatu ku busa. Avugana n'urubuga ngurukanabumenyi rwa Tottenham, Antonio Conte yagize ati: ""Mfise umunezero mwinshi cane kubona ngarutse ku rubuga rw'abamenyereza, kandi nkaba ngiye kumenyereza umurwi wa Premier League ufise ishaka ryo guhangana n'ibindi bihangange. ""Tottenham irafise ubushobozi bwose bwo kuba umwe mu mirwi rurangiranwa kw'isi. ""Ndarindiranye igishika cinshi gutangura ibikorwa kugira ngo nereke umurwi n'abakunzi bawo inguvu n'ishaka vyamye bindanga, nk'umukinyi n'umumenyereza"". Antonio Conte yiyongereye ku rutonde rw'abamenyereza b'ibihangange bakorera muri Premier League. Ati: ""Mu mwaka w'inkino uheze, vyaranse ko ninjira muri uyu murwi kubera amasezerano nari mfitaniye na Inter yari akiri mashasha kandi nkaba nari mfise ishaka ryinshi ryo kurangiza ihiganwa, rero numva ko hatari bwagere ko ngaruka. ""Ariko Daniel Levy yagumye afise inyota nyinshi cane yo kunzeza aya mabanga. ""Ubu rero ko akaryo kabonetse, nahisemwo kugafata n'umutima wanje wose"". Antonio Conte agiye kumenyereza uyu murwi gushika mu 2023, amezi hafi 20, akaba ahabwa amahirwe yo kwongererezwa iki kiringo mu gihe impande zompi zoramuka zivyumvikanyeko. Vyitezwe ko inkino zizomuhuza na Pep Guardiola, Jurgen Klopp hamwe na Thomas Tuchel zizoba ari akaroruhore. Muri Premier League urugamba azorutangurira kuri Everton ku wa Mungu - ariko imbere y'ao, Tottenham irafise urukino ku rwego rw'umugabane aho ku wa kane izohura n'umurwi Vitesse wo mu gihugu ca mw'ihiganwa European Conference League. Tottenham ubu iri mu kibanza c'icenda n'amanota 15 gusa mu nkino cumi imaze gukina mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-59137131 +sports Igikombe c'isi 2022: Ihiganwa muri Qatar rigira ritangure "By Shamoon Hafez BBC Sport in Doha, Qatar Inyuma y'imyaka 12 y'ibibazo no kunebagurwa, inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru muri Qatar ziratangura kuri uyu w'Imana. Imyiteguro y'iryo higana rya mbere ribereye mu gihugu c'aba Islam co mu burasirazuba bwo hagati, ntiryavuzwe cane nk'ivyo barivugako. Ariko Fifa yasavye imigwi y'ibihugu 32 izitaba iryo higanwa ""gushira inguvu gusa ku rukino"", abakiriye iryo higanwa muri Qatar bakaza gutana mu mitwe na Equateur ku kibuga ca Al Bayt (16h00 GMT). Ku musi ukurikira hazokina Ubwongereza na Iran (13:00) imbere y'uko Reta zunze Ubumwe za Amerika zihura na Wales (19:00). Qatar 2022 kizoguma ari kimwe mu bikombe vy'isi vyateye impari n'umwumvikano muke muri kahise k'inkino. Ico gihugu co mu kigobe catsinze ibihugu vya Korea y'Epfo, Ubuyapani, Australia na Amerika vyashaka gutunganya izo nkino, ariko hakaba haravuzwe ko hatanzwe ibiturire kugira Qatar ihabwe ayo mahirwe, ivyo ico gihugu kiguma gihakana. Mu kwezi kwa kabiri 2021, ikinyamakuru The Guardian canditse ko abakozi b'abimukira 6.500 bava mu bihugu vy'Ubuhindi, Nepal, Bangladesh na Sri Lanka bapfiriye muri Qatar kuva ico gihugu gitsindiye gutunganya inkino z'igikombe c'isi. Ivyo biharuro vyegeranijwe hisunzwe ivyo abaserukira ibihugu vyabo muri Qatar. Ariko Qatar ivuga ko ivyo biharuro atari vyo kubera ko abapfuye bose batari abakozi bo mu nyubakwa zo kwitegurira igikombe c'isi. Reta ivuga ko ibiharuro ifise ari impanuka zahitanye abantu 37 mu bakozi bubaka ibibuga bikokinirwako igikombe c'isi hagati ya 2014 na 2020, batatu gusa akaba ari bo ""bazize akazi bakora"". Ariko ishirahamwe mpuzamakungu ry'abakozi, International Labour Organisation (ILO) rivuga ko bagabanije ico gitigiri cane. Hari ubwoba ku bakunzi b'umupira w'amaguru bahuza ibitsina babisangiye ku kungene bazofatwa ufatiye ko ico gihugu kigendera kw'itegeko rya 'Shari', guhiza ibitsina rero mu bisangiye bikaba bitemewe muri ico Qatar. Amashirahamwe akorana na Fifa mu gutegura iryo higanwa yavuze ko ""ibiganiro vyagiye buhoro buhoro"" kandi ko "" ibintu biteye umutima uhagaze"" bikiriho. Ku musi umwe imbere y'uko iryo higanwa ritangura, prezida wa Fifa Gianni Infantino yagirije ibihugu vya Buraya ""ubwiyorobetsi"" mu vyo bagiye baravuga ku bijanye n'agateka ka zina muntu muri Qatar. Amezi atatu imbere y'uko iryo higanwa riba, akana ka Fifa karemeye ivyasabwa n'imigwi yo mw'ishirahamwe rya Amerika y'epfo, Conmebol, vyo kwungururiza intango y'iryo higanwa ku musi umwe imbere y'aho ryotanguriye. Hanyuma, imisi ibiri imbere y'uko ihiganwa ritangura, abariteguye bamenyesheje abafana ko badashobora kugura no kunwera inzoga ku bibuga vyose ko ari umunani, no mu micungararo yavyo. Ku misi 29 gusa iryo higanwa rizomara, kuva ihiganwa ritanguye gushika rihere (kuva itariki 20 z'ukwezi kwa Munyonyo [11] gushika itariki 18 z'ukwezi kwa Kigarama[12]), ni ryo higanwa ry'igikombe c'isi rigufi kuva kuryabere muri Argentine mu 1978. Ibi bisigura ko abateguye iri higanwa bagiye bategekanya inkino zine zine imisi yose mw'ijonjora, kandi nta mwanya ucamwo hagati y'inkino z'injonjora n'izo gukuranamwo ubwo nyene, ku buryo imigwi 16 izoba isigaye izotangura gukina bukeye haraye haheze inkino z'ijonjora." https://www.bbc.com/gahuza/articles/cpeq10y1g0xo +sports Qatar 2022: Abagore bonyene bagiye guhagarikira inkino z’igikombe c’isi c’abagabo, ubwa mbere mu mateka "Stephanie Frappart azoba abaye umugore wa mbere ahagarikiye urukino rw’igikombe c’isi c’abagabo. Uyu mufaransakazi yabaye umugore wa mbere ashizwe kuri rwo rwego muri aya mahiganwa igihe yashirwa mu kibanza c’umuhagarikizi wo ku ruhande agira kane mu rukino rwahuje Mexique na Pologne kuwa kabiri uheze. Frappart yabwiye BBC imbere yo gutangura urukino ati: ""Turazi ko bitoroshe,"" Ariko yavuze ko ""ivyo bidatuma bahinduka"", ati ""ni kwitonda, kwirinda gusamara, no kutitwararika cane itangazamakuru n’ibindi vyose, ahubwo bakagumiza ijisho ku rubuga"". Frappart afadikanya na Neuza Back wo muri Brezil, n’umunye-Mexique Diaz Medina mu kibuga ca Al Bayt kuri uyu wa kane. Ku kibazo c’uko yoba yarigeze yumva amajambo amuvugwako kubera ari umugore aturutse mu bakinyi, abakuru b’imigwi canke abafana, Frappart yavuze ko ""kuva atangura yamye ashigikiwe n’imigwi, amakipe n’abakinyi"". Ati: “Namye nakirwa mu kibuga, rero niyumva nk’uwundi musifuzi uwo ariwe wese mu kibuga. Namye mpabwa ikaze, kandi nizigiye ko n'ubu ariko biza kugenda.” Frappart yabaye umusifuzi wa mbere w’umugore ahagarikiye urukino rw’abagabo mu mahinganwa y’imigwi yabaye iya mbere iwabo, ‘champions league’ 2020 Uyu mugore w’imyaka 38 ni nawe yabaye uwa mbere guhagarikira urukino rw’ihiganwa ry’igikombe c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hagati y’imigwi yo ku mugabane wa Bulaya UEFA igihe Liverpool yahura na Chelsea muri European Super Cup 2019. Abagore batatu - Umufaransakazi Frappart, umunyarwandakazi Salima Mukansanga n’Umuyapanikazi Yoshimi Yamashita – bari mu basifuzi 36 batoranijwe guhagarikira inkino z’igikombe c’isi zibera muri Qatar." https://www.bbc.com/gahuza/articles/ckdr2vxnzyqo +sports Ayavugwa mu mupira w'amaguru ku wa kane itariki 03.06.2021: Mbappe, Lukaku, Wijnaldum, Trippier, Wood, Firpo Real Madrid izogiriranira amasezerano n'umukinyi w'imbere w'Ubufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22 ubu akinira umugwi wa Paris St-Germain, hanyuma uwo mugwi na wo uzane umunye Portugal Christiano Ronaldo w'imyaka 36, mu gihe umunye Argentine na we Mauro Icardi w'imyaka 28 azova muri PSG aje muri Juventus. (La Gazzetta dello Sport,via Mail) Jose Mourinho yaravuganye na Real Madrid mu ndwi iheze, imbere y'uko uwo mugwi ugena Carlo Ancelotti mu mabanga y'umumenyereza wayo, n'aho uwo yahoze amenyereza imigwi ya Real na Tottenham yari yemeye kuba umumenyereza w'umugwi wa Roma mu kwezi guheze. (Telegraph) Icizere ca Chelsea co kugiriranira amasezerano na Romelu Lukaku caheze inyuma y'aho uwo mukinyi w'imyaka 28 w'umubiligi avugiye ko azoguma muri Inter Milan. (Football Italia) Barcelone iracari mu biganiro n'umukinyi w'imbere wo mu Buholande Memphis Depay w'imyaka 27 kugira akinire uwo mugwi ata n'urumeya rutanzwe avuye mu mugwi wa Lyon, mu gihe mugenzi we Georginio Wijnaldum w'imyaka 30 vyamaze kumenyekana ko azokwimukira muri uwo mugwi ata gisabwe. (Fabrizio Romano,Twitter) Manchester United yasubiye kurondera umukinyi w'inyuma mu ruhande rw'iburyo Kieran Trippier w'imyaka 30, akinira umugwi wa Atletico Madrid. (Manchester Evening News). Aston Villa ni umwe mu migwi 12 yo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza yipfuza umukinyi w'imbere Chris Wood wa Burnley ikaba ishaka ama pawundi imiliyoni 30 kuri uwo mukinyi w'imyaka 29. West Ham na New York City bamenyesheje ko barondera, ata mahera barinze gutanga, umukinyi w'imbere w'Ubufaransa Olivier Giroud w'imyaka 34 ariko aritegurira kuva mu mugwi wa Chelsea. (Calciomercato) Umumenyereza wa Real Madrid Carlos Ancelotti avuga ko umukinyi wa Ecosse Gareth Bale w'imyaka 31 hamwe n'umukinyi w'umubiligi Eden Hazard w'imyaka 30, bashobora kuguma muri uwo mugwi. (Guardian) Umukinyi wo hagati wa Borussia Monchenglabach, Florian Neuhaus w'imyaka 24, amaze imisi anuganugwa ko ashaka kuja muri Liverpool, arahakana inkuru zivuga ko yagiriraniye amasezerano na Bayern Munich. (Tageszeitung-in German) Arsenal, Manchester United na Totteham bose barashaka umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo akinira umugwi wa Lille, umunya Turukiya Zeki Celik,24. (Standard). West Ham na Southampton bariko barahiganirwa gutwara umunyegori wa Barcelona Junior Firpo,24. (Sport-via The Boot Room) West Ham iteye kure mu biganiro vyo kugiriranira amasezerano na Alex Kral w'imyaka 23, akinira umugwi wa Spartak Moscow ku mapaundi iliyoni 20. (Football Insider) Umukinyi w'imbere wa Argentine Sergio Aguero w'imyaka 33, yaranse icipfuzo ca Juventus co kuja muri uwo mugwi, ahubwo ahitamwo kuja muri Barcelone ata gisabwe avuye muri Manchester City. (Mundo Deportivo-in Spanish) Seville yipfuza umukinyi w'umunya Chili Alexis Sanchez w'imyaka 32 akinira Inter Milan. (Sport-in Spanish) Leeds United irashaka kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu wa Espagne akinira umugwi wa Huesca, Javi Galan w'imyaka 26, agaciro kiwe kamaze kugabanuka gushika ku mapawundi imiliyoni 3.5. (Football Insider) West Brom iriko iritegurira kurondera umumenyereza mushasha inyuma y'ibiganiro bagiriraniye n'uwahoze amenyereza Sheffield United Chris Wilder w'imyaka 53. (Football Insider) https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57344576 +sports Abagabo babiri bagirizwa ubugizi bwa nabi ku muhana wa Ozil "Igipolisi c'Ubwongereza kivuga ko abagabo babiri bagiriwe n'icaha c'ubugizi bwa nabi ku muhana w'umukinyi wa Arsenal. Ferhat Ercan na Salaman Ekinci bahagaritswe ku munsi wa kane hanze y'uburaro bw'umukinyi Mesut Ozil mu buraruko bw'igisagara ca Londres. Amakuru avuga ko abo bagabo babiri bahagaritswe mu gihe bagerageza guhangana n'abajejwe umutekano ku muhana w'uyo mukinyi ku munsi wa kane igenekerezo rya 08 z'uku kwezi kw'umunani. Ercan na Ekinci bompi b'imyaka 27 bitezwe kurenguka imbere y'ubutungane muri sentare y'i Highbury ku wa 6z'ukwezi kw'icenda. Igipolisi kibagiriza icaha c'uguhungabanya umutekano w'abanyagihugu. Ku munsi wa gatanu, Arsenal yamenyesheje ko Ozil na Sead Kolasinac batashizwe ku rutonde rw'abakina uno munsi ku wa Mungu kubera ""ibibazo vy'umutekano biriko birakorwako amatohoza n'igipolisi"". Imbere y'aho kandi, abo bakinyi ntibajanye n'abandi mu rukino rwa kivandimwe rwahuje Arsenal na Lyon rwabaye ku wa 28 z'ukwezi kw'indwi, inyuma y'aho akarwi k'inkozi z'ikibi kageragereje kunyuruza amamodokari yabo mu kwezi kw'indwi ahitwa Golders Green i Londres. Mu kwezi kw'indwi guheze, abo bakinyi bompi baratewe n'akarwi k'inkozi z'ikibi kashatse kunyuruza imodoka. Arsenal ivuga iti: ""Umutekano w'abakinyi n'imiryango yabo, nico gikorwa kiza imbere ya vyose, kandi twafashe iyi ngingo inyuma y'aho tuvuganiye nabo hamwe n'ababaserukira""." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-49310386 +sports Hassan Karera yabwiye BBC ko amacakubiri yakorewe abakinyi b'Ubwongereza yamubayeho kenshi "Abakinyi b'ikipe y'Ubwongereza b'abirabura bakorewe amacakubiri mabi cane aho bakina n'ikipe ya Bulgaria, ariko Hassan Karera yakinye kera mu Bubirigi, avuga ko atari bishasha. Mu rukino rwo ku munsi wa mbere aho ikipe nserukira gihugu y'Ubwongere mu mupira w'amaguru yahura n'iya Bulgaria, abarorerezi ba Bulgaria batutse abakinyi birabura b'Ubwongereza bifatiye ku rukoba rwabo. Urwo rukino Ubwongereza bwatsinzemwo Bulgaria 6-0, rwahagaritswe inshuro zibiri ariko ivyo bitutsi ntivyahagarara. Vyarimwo kugira indamutso zo kurambura ikiganza nk'uko vyagirwa n'aba Nazi ba Hitler mu Budage mu myaka 1940, bakaririmba indirimbo z'ibitutsi hamwe no kwigana urusaku rw'inkende. Ariko naho vyari uko, abakinyi b'Ubwongereza baranse kuva mu kibuga, urukino ruhera batsinze Bulgaria 6-0 mu guhiganirwa itike yo kuja mu gikomba ca Buraya 2020. Naho bimeze uko ariko, abakinye umupira kera bobo bavuga ko muri kino gihe amacakubiri nk'ayo yagabanutse ugereranije na kera. Hassan Karera, umukinyi wa kera w'Umunyarwanda yakiniye ikipe za Kiyovu Sport yo mu Rwanda na Vitalo yo mu Burundi mu myaka 1980, yabwiye BBC ko akija gukina i Buraya kari akamaramaza. Karera agira ati: ""Mu gihe cacu vyari bikomeye kurusha ubu kuko abakinyi bava Afrika (abirabura) bamaze kuba benshi. ""Kera baradutuka ibitutsi vyinshi, bakigana insaku z'inkende, ivyo vyose narabibayemwo."" Ivyo Hassan Karera vyamubayeho aho yava muri Vitalo akaja gukina mw'ikipe zo mu Bubirigi zitwa K F C. VERBROEDERING GEEL. hamwe na WESTERLOO FC, hagati y'imyaka 1988 n'2008. Abandanya agira ati: ""Muri gukora entrainements (imyimenyerezo) canke kwishusha abantu baraza bakakwita 'negre' (igitutsi kigayitse gitukwa abirabura). ""Vyaratubabaza ariko abatoza n'abandi bakinyi (b'abazungu) ntibavyumve kuko bo babona ari ibisanzwe."" Karera aremera ko ubu hari icahindutse kuko ibintu nk'ivyo ubu ari gake biba ku mugaragaro ariko akavuga ko mu mitwe y'abantu bikirimwo. Yagize ati: ""Ubu n'aho batavyerekana, uracabona ko mu mitwe yabo bibaza ko umwirabura ari hasi yabo."" Ishirahamwe rijejwe umipira w'amaguru kw'isi, FIFA, rirategekanya ibihano ku makipe abafana bayo bitwaye nabi muri ubwo buryo, nko kuyaca amafaranga canke gukina ata bafana bari ku kibuga. Ariko naho biri uko, ikibazo c'amacakubiri afatiye ku rukoba mu mupira w'amaguru, naho hari utwigoro twinshi two kubirwanya, kiracariho." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-50087120 +sports Ethiopia: Umunonotsi yemerewe imodoka ntarayihabwa kubera ubukene bw'amafaranga y'agaciro "Umunya-Ethiopia yatahanye umudari w'inzahabu, Solomon Baregaa, avuga ko gushika ubu atararonka imodoka yemerewe n'abategetsi inyuma yo gutahukana umudari rudende (rukumbi) Ethiopia yakuye mu nkino za olympic za Tokyo 2020 zabaye mu ci rya 2021. Solomon yanyarutse kurusha uwari asanganywe umuhigo w'isi Joshua Cheptegei mw'isiganwa rya 10.000m aca aritsinda ku mwanya ungana na 27'43""22 (imonota 27, amasekunda 43 n'ibice 22). Umushikiranganji ajejwe inkino muri reta, Mesfin Cherinet, yabwiye BBC ko imodoka yemerewe atarayihabwa kubera ubukene bw'amafaranga y'agaciro. Uwo munonotsi yatahanye umudari w'inzahabu mu kwezi kw'umunani yagaragaye mu mafoto ariko arahabwa urufunguruzo rw'imodoka na prezida wa Ethiopia Sahle-Work Zewde. Ariko umushikiranganji yavuze ko ""imodoka yerekanywe mu birori yari iyo yemerewe ariko itari iyo yari gushikirizwa"". Ingwano mu buraruko yarashegeshe ubutunzi bw'igihugu, ubu ikaba yatumye abantu baharugwa mu bihumbi bugarijwe no kwicwa n'inzara. Solomon yavuze ko atahura ingorane reta ifise hamwe n'inzira ndende bifata kugira ngo iyo modoka iboneke. Avuga ati: ""Bica mu nzira ndende. N'abandi banonotsi b'imbere yanje vyarabashikiye. N'ubwo jewe isa n'iyatevye gusumba, sinidoze."" Abategetsi bemeye kumuha amafarang angana n'ikiguzi c'iyo modoka mu mafaranga yo muri Ethiopia, ni ukuvuga hafi miriyoni 2.8 z'ama-birr (amadorari 54.000; arenga miriyoni 108 mu mafaranga y'Uburundi). Bemeye kandi ko bazomufasha kugura iyo modoka hanze akayinjiza adatanze amakori ( ata mafaranga ya douane atanze)." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61153311 +sports Umwana w'imyaka 12 yatawe muri yompi yagirizwa ivanguramoko kuri Wilfried Zaha "Umwana w'umuhungu w'imyaka 12 yahagaritswe n'igipolisi mu matohoza ku majambo y'ivanguramoko yarungikiye Wilfried Zaha, umusatirizi wa Crystal Palace ayacishije ku mbuga hwaniro. Zaha yamenyesheje ko yarungikiwe amajambo atari make yo kumutyoza acishijwe ku mbuga hwaniro imbere y'urukino rwahuje umurwi wiwe na Aston Villa ejo ku wa Mungu, urukino Crystal Palace yatsinzwe ibitsindo bibiri ku busa. Umumenyereza wiwe Roy Hodgson avuga ko ivyo bitutsi ari ""ubukozi bw'ikibi kandi bibabaje cane"". Abarongoye ihiganwa ry'umupira mu Bwongereza, Premier League, bamenyesha ko ityozwa ry'uyu mukinyi akomoka muri Cote d'Ivoire ari ikintu ""kidashobora kwihanganirwa na gato"". Igipolisi co mu karere ka West Midlands cari candikiye Zaha ku rubuga rwa Twitter ko cariko gitegura gukora amatohoza kuri iryo tyozwa, haciye amasaha makeya kimenyesha ko cahagaritse uyo mwana. Ico gipolisi canditse ubutumwa kuri twitter kiti: ""Twaronse ubutumwa butari buke uno munsi butumenyesha ko uyu mukinyi yarungikiwe amajambo amutyoza kandi tumaze kuyihweza neza, twaciye duhagarika umwana w'umuhungu"". ""Uyo muhungu w'imyaka 12 yaciye yinjizwa agasho. Turashimiye abo bose berekanye iryo bara. Ivangura ntirishobora kwihanganirwa"". Avugaka n'ikinyamakuru c'inkino Sky Sports imbere y'uko uyo mwana ahagarikwa, Hodgson yongeyeko ati: "" ""Ivyo ari vyo vyose, iri sekeza rya Black Lives Matter ririko riravyerekana neza kandi bose bariko bihatira kurandurana n'imizi iyo ngeso"". ""Ni ibintu bibabaje kubona, ku munsi w'urukino nyene, umukinyi avyukira ku bitutsi vy'ububegito kandi bibabaje cane vy'ivanguramoko. Ni vyiza kubona Wilf yabishize ahabona kandi sinibaza ko iki ari ikintu co kwigumizamwo"". ""Yashatse kubuza umwe mu bakinyi beza cane gukina neza, ariko inzira yabicishijemwo ntishobora kwihanganirwa"". Premier League ivuga iti: ""Iyi ngeso ntishobora kwihanganirwa na gato kandi Premier League yifatanije na Wilfried Zaha mu kuyiyamiriza, co kimwe n'amacakubiri ayo ari yo yose"". ""Tuzobandanya dufata mu mugongo abakinyi, abamenyereza hamwe n'imiryango yabo iramutse ironse amajambo y'ibitutsi acishijwe ku mbuga hwaniro"". Kuva ihiganwa rya Premier League risubiye gutangura mu kwa gatandatu guheze, abakinyi mu Bwongereza barapfukama imbere y'ugutangura urukino mu ntumbero yo kwifatanya n'isi yose mu rugamba rwo kurwanya ivanguramoko rikorerwa abirabure rwiswe Black Lives Matter (Ubuzima bw'abirabure ni kirumara)." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53390377 +sports Igura n’igurishwa ry’abakinyi kuri uyu wa gatanu: Jesus ari mu kwinjira muri Arsenal - ni bimwe mu bivugwa Arsenal iri hafi yo gushika ku masezerano n’umusatirizi wa Manchester City umunya-Brezili Gabriel Jesus w’imyaka 25. (Times) Tottenham iriko itegura imiriyoni 90 z’ama euro kugira irabe ko yoronka umusatirizi wa Inter Milan  Lautaro Martinez ariko uyu munya Argentina yipfuza kuguma muri uyu murwi wa Serie A, kandi nawo nta mugambi ufise wo kumugurisha. (Alfredo Pedulla) Newcastle United iriko ikurikiranira hagufi umunyegori wa Burnley umwongereza Nick Pope w’imyaka 30. (Mail) Liverpool iracarondera umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund, umwongereza Jude Bellingham  w’imyaka 18. (Mirror) AC Milan niyo ihabwa amahirwe gusumba Newcastle mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Lille umunya-Hollande Sven Botman akina mu batarenza imyaka 21. (Football Insider) Manchester City iriko iregeranya amafaranga mu ntumbero yo kurondera umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu wa Brighton umunya Espagne Marc Cucurella w’imyaka 23. (Guardian) Umumenyereza wa Nottingham Forest  Steve Cooper yatumye uyu murwi ushika mu cicaro ca mbere c‘ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League mu mwaka w’inkino uheze ari hafi yo gushika ku masezerano mashasha n’uyo murwi. (Telegraph) Forest  kandi iri mu biganiro kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi w’inyuma, umufaransa Moussa Niakhate w’imyaka 26 asanzwe akina mu murwi Mainz wo mu Budagi. (Mail) Leeds United na Southampton iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester City Umubirigi Romeo Lavia w’imyaka 18. (Athletic) Southampton yiteze gutangaza ko yaguze umunyegori akomoka muri Irlande Gavin Bazunu w’imyaka  20 wo muri Manchester City mu masezerano afise agaciro k’imiriyoni 15 z’amapawundi. (Telegraph) Fulham na Wolves yompi iripfuza kugura umukinyi wo hagati wa Sporting Lisbon umunya-Portugal Joao Palhinha w’imyaka 26. (90min) Umukuru wa Real Madrid  Florentino Perez avuga ko umusatirizi mushasha wa Manchester City umunya Norvège Erling Haaland w’imyaka 21 atari gutanguzwa iyo uyu musatirizi yari kuba yarimukiye muri uyo murwi wo muri Espagne. (Mirror) Umukinyi w’inyuma w’umwongereza James Tarkowski w’imyaka 29 yemeye kwimukira muri Everton igihe amasezerano afitaniye na Burnley azoba arangiye muri rino ci. (Sky Sports) Juventus yahinduye ivyo yemereye umukinyi wo ku ruhande w’umunya-Argentina Angel di Maria w’imyaka 34 kubera iriko iramurwanira na Barcelona, ubu akaba yirebanga, afise uburenganzira bwo kwinjira mu murwi uwo ari wo wose yishakiye inyuma y’aho aviriye muri Paris St-Germain. (Gianluca di Marzio) Umukinyi wo hagati Umufaransa Aurelien Tchouameni yimukiye muri Real Madrid avuye muri Monaco inyuma yo kwanka igifovya c’amafaranga yemerewe nk’umushahara muri PSG. (Marca) https://www.bbc.com/gahuza/articles/cm5v7ge0pdyo +sports Lauren Etame Mayer yigeze gukinira Arsenal yizeye ko Mikel Arteta azosubiza iteka uyo murwi "Umunya Cameroun Lauren Etame Mayer, umwe mu bahoze ari abakinyi b'inyuma ba Arsenal kuva mu mwaka wa 2000 gushika 2007, avuga ko Arteta afise amateka akomeye muri uyo murwi, akibaza ko ashobora kuwushikana kure. Arsenal yagenye uwigeze kuba kizigenza w'uwo murwi Mikel Arteta kiba umumenyereza wayo mu kiringo c'imyaka itatu n'igice iri imbere. Uyo mumenyereza w'imyaka 37 yatsindiye ibikombe bibiri vya FA, mu kiringo c'imyaka itanu yamaze akinira uwo murwi wo mu gisagara ca Londres. Mu kiringo c'imyaka itatu, Arteta yahora ari icegera c'umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola. Avugana n'abamenyeshamakuru, Arteta yavuze ati: ""Ndubaha cane uyu murwi, iyaba ntumva ko nshoboye kandi niteguriye iki gikorwa, sinari kwicara kuri ino ntebe"". ""Ico dukeneye ubu, ni kwihutira guhindura ibintu, tugatsinda inkino, kandi abakinyi bagasubira kugira ishaka"". Arteta amaze gusezera, Arsenal yaratwaye igikombe ca FA, ariko mw'ihiganwa rya 2016-17, Arsenal yisanze irangije ihiganwa itari mu mirwi ine ya mbere muri premier league, ibitari bwigere bishika kuva mu mwaka wa 1996. Uwahoze akinira uyo murwi, Lauren Etame Mayer, yakiniye n'umurwi nserukiragihugu wa Cameroun, abona ko Arteta azoshobora gushikana uyo murwi kure. Mu kiganiro yagiranye na BBC, Arteta ahejeje kugenwa, Lauren yavuze ati: ""Arteta yaragize uruhara runini muri Arsenal. Yari kizigenza. Yaradukiniye umukino mwiza cane kandi ndamwipfurije kuroranirwa. ""Yarabaye umukinyi wo ku rwego rwo hejuru kandi ndizeye ko azokoresha ubumenyi bwiwe bwose maze mu minsi iri imbere tugasubira kubona Arsenal nk'umurwi w'igihangange mu Bwongereza"". ""Ndamwipfuriza amahirwe, we n'umurwi wose"". Arteta afise igikorwa gihambaye c'ukuvyura Arsenal, ubu iri mu kibanza ca cumi mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League, aho mu nkino cumi, yashoboye gutsinda zibiri zonyene." https://www.bbc.com/gahuza/50876702 +sports Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulayi 21/09/2019: Alonso, Gomes, Wenger, Moutinho, Meunier Uwurongoye umurwi Real Madrid, Florentino Perez, ariko arihweza ingene Xabi Alonso w'imyaka 37 yahoze akinira Liverpool n'umurwi nserukiragihugu wa Espanye yosubirira Zinedine Zidane nk'umumenyereza. (Mundo Deportivo) Jose Mourinho yahoze amenyereza Manchester United na Massimiliano Allegri yahoze amenyereza Juventus nabo nyene bari ku rutonde rw'abashobora kuronderwa kugira basubirire Zidane, mu gihe uyo mu faransa yokwirukanwa. (Marca) Ibiganiro hagati y'umurwi Wolverhampton wo mu Bwongereza n'umukinyi wo hagati Joao Moutinho w'imyaka 33 akomoka muri Portugal bigeze kure kugira ngo bagiriranire ayandi masezerano y'imyaka ibiri. (Telegraph) Watford ifise icizere ko ishobora gutsinda Hull City mu rugamba rwo kurondera umusatirizi w'umunyasuwede, Kevin Harletun, w'imyaka 19 akinira Malmo, amasezerano akaba azorangira mu kwezi kwa 11 kw'uno mwaka. (Sun) Liverpool ibandanya ishinze ijisho umusatirizi w'umunya Hollande, Donyell Malen w'imyaka 20, amaze gutsinda ibitsindo 10 mu nkino 12 z'umurwi PSV Eindhoven muri uno mwaka w'inkino. (Calciomercato) Manchester United yatanguye ibiganiro n'umukinyi wo hagati Angel Gomes w'imyaka 19 asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza w'abatarenza imyaka 20 kugira bamwongere amasezerano. (Manchester Evening News) Umukuru w'umurwi Tottenham, Daniel Levy, ashimangira ko ideni ry'imiliyoni 637 z'amapawundi bafashe bubaka ikibuga gishasha ata nkurikizi mbi rizogira ku bikorwa vy'uwo murwi vy'ukugura abakinyi. (Standard) Umukinyi w'inyuma w'umubirigi Thomas Meunier avuga ko atishimiye ko ataronka umwanya w'ugukina mu murwi wiwe wa Paris Saint-Germain. Uyo mukinyi w'imyaka 28 yararondewe n'imirwi ya Arsenal na Manchester United mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakingi giheruka. (RMC Sport) Umukuru wa Everton, Marco Silva, avuga ko uyo murwi uriko wihweza ingene wogura umukinyi w'inyuma mu kwezi kwa mbere. (Liverpool Echo) Arsene Wenger yahoze amenyereza Arsenal agiye guhabwa akazi mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, mu gisata c'ubuhinga mu ndwi ziri imbere, n'aho we agifise icipfuzo c'ukuba umumenyereza. (ESPN) Aston Villa yateguye amahera angana n'imiliyoni 20 z'amapawundi z'ukurondera umusatirizi mushasha, ni inyuma y'aho utwigoro tw'ukumurondera mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakingi giheruka ataco dushitseko. (Football Insider) Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, yiteze ko icegera ciwe yahoze akinira Everton, Mikel Arteta, amusubirira mu gihe yoramuka asezeye uyo murwi. (Evening Standard) Umukinyi wo ku ruhande rw'imbere wa Crystal Palace, Wilfried Zaha w'imyaka 26 asaba abakinyi bagenziwe kwitanga uko bashoboye kugira ngo uwo murwi usubirane itoto. (Sun) Icigwa gishasha ku mirwi yatsindiye amahiganwa iwabo canke mu burere catoye ikibuga c'umurwi wa Manchester City, Etihad Stadium, nk'ikibuga ca mbere ciza kw'isi, gkiza imbere y'ibibuga vya Nou Camp ca Barcelona na Allianz Arena ca Bayern Munich. (Mail) https://www.bbc.com/gahuza/49781013 +sports Italy: Amatohoza kuri Cristiano Ronaldo ku kurenga ku mategeko yo kwirinda Corona Umukinyi w'imbere wa Juventus Cristiano Ronaldoariko aragirwako amatohoza n'igipolisi c'Ubutaliyano ku rugendo yagize aja guhimbaza umusi w'amavuka w'umukunzi wiwe. Yagirizwa kurenga ku mategeko yo kwirinda Covid -19, mu kugira urugendo hagati y'intara ya Piedmont na Valle d'Aosta. Amafoto yabonetse ariko mu nyuma aza gufutwa ku mbuga ngurukanabumenyi, zerekana aba bantu babiri bari mw'ihoteli imwe umusi Georgina Rodriguez yahimbaza imyaka 27 iheze avutse. Abantu benshi baramaze gupfa mu Butaliyano abandi benshi barandukirwa n'iyo ngwara buri musi. Ico gihugu carasinzikaye cane ico kiza kigitera mu mwaka uheze, ubu na ho kikaba kiri mu ndyane za politike inyuma yo kunanirwa kugabanya igitigiri c'abandura iyo ngwara mu musumirano w'ubundi bwoko bwa Corona. Abapolisi b'i Valle d'Aosta bavuga ko bariko baragira amatohoza kura abo bantu bakundana ko ari babiri ku vyerekeye urugendo bagize i Courmayeur ski. Amategeko ngenderwako yo mu Butaliyano, ingendo mu turere durimwo corona nyinshi zirabujijwe kiretse ingendo z'akazi canke utashe muhira. Inkuru zivugwa ngaho mu Butaliyano zemeza ko Cristiano Ronaldo n'umukunzi wiwe bafashe urugendo ku musi wa kabiri baca baguma muri iyo hoteli imbere yo kuja Turin, ahabarizwa umugwi wa Juventus ku musi wa gatatu. Rodriguez, umunyamideli, mu nyuma yarashizeko ifoto yiwe na Ronaldo bari mu musi mukuru ku muhana wabo. Mu gihe vyogaragara ko barenze ku mategeko, bashobora bose kurihishwa ihadabu. Ivyo bishitse inyuma y'amezi atari make aheze Cristiano Ronaldo yandukijwe corona. Ico gihe yaranebaguwe n'umushikiranganji w'inkino w'Ubutariyano kuba yaragiye muri Portugal gukina urukino mpuzamakungu imbere gato y'uko yandura iyo ngwara. Vincenzo Spadafora yavuze ko Cristiano Ronaldo ari umuntu 'inzigo' kandi 'atisonera' anamwagiriza kurenga ku mategeko yo kwirinda corona, aho yavuye mw'ihoteli umugwi wiwe warimwo aca afata urugendo inyuma yo kumenyekana ko yanduye. Ariko uwo mukinyi aguma ahakana ko ata kosa yakoze. https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-55859405 +sports Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Sterling, Martinez, Depay Chelsea iriko irihweza ko yozana umusatirizi wa Manchester United Cristiano Ronaldo, ni mu gihe yamaze kubwira uyu murwi w’aba Red Devils ko ashaka kugenda muri rino ci. (Athletic ) Ronaldo w’imyaka  37 ashobora kuba yipfuza kwinjira muri Chelsea, ariko aba ba Blues ntibarafata ingingo yo kurondera ku mugaragaro uyu munya-Portugal. (ESPN) Umukuru wa Barcelona Joan Laporta hamwe n’umuserukizi Jorge Mendes bariko na bo nyene baravugana barabira hamwe nimba uyu mukinyi yahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Real Madrid ashobora kugaruka mw’ihiganwa La Liga. (AS – mu ki Espagnol) Ronaldo kandi aremera ko ashobora kwemera kugabanirizwa umushahara wiwe w’amapawundi 500.000 ku ndwi muri Manchester United. (Independent) Ibiganiro bigeze kure hagati ya Chelsea n’umurwi Manchester City ku musatirizi w’Umwongereza Raheem Sterling w’imyaka  27, uyu murwi watahukanye ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League ukaba umushakako imiriyoni 50 z’amapawundi. (Sky Sports) AC Milan iriko irakora uko ishoboye kugira ngo irabe ko Chelsea  yoyitiza umunya-Maroc akina ku ruhande Hakim Ziyech w’imyaka 29. (Athletic) Abarongoye Manchester United barabonanye na bagenzi babo bo muri Ajax mu mpera z’indwi iheze kugira ngo bavugane ku mukinyi w’inyuma w’umunya-Argentina Lisandro Martinez w’imyaka 24, aba-Red Devils bakaba bemera kumutangako imiriyoni 39.6 z’amapawundi. (Mirror) Tottenham iriko irashaka kumenya ivyerekeye umusatirizi wa Barcelona, umunya-Hollande Memphis Depay w’imyaka 28, akaba ashobora kuva i Camp Nou ku miriyoni 17 z’amapawundi. (Sport - mu ki Espagnol) Tottenham kandi iri hafi yo gushika ku masezerano na Barcelona kugira uyu murwi wa La Liga uyitize umukinyi w’inyuma wayo, umufaransa Clement Lenglet w’imyaka 27. (Fabrizio Romano) Umukinyi w’inyuma wa Villarreal umunya-Espagne Pau Torres w’imyaka  25, aracaronderwa na Tottenham n’aho Lenglet ashobora kuba ari hafi yo kuza. (Mirror) West Ham yiteze gukubita hasi Everton mu rugamba rwo kurwanira umusatirizi w’umwongereza Jesse Lingard w’imyaka 29 kuri gusa. (Mail) Umusatirizi wa Tottenham Steven Bergwijn w’imyaka 24 yateye akagere Everton na Manchester United yompi yariko imurondera, akaba ashima kwimukira muri Ajax.  (De Telegraaf) Everton na West Ham  yompi irashaka kugura umunya-Albania Armando Broja w’imyaka 20 asanzwe akina muri Chelsea, uyu musatirizi akaba ari ku giciro c’imiriyoni 30 z’amapawundi 30. (Mail) Newcastle iracarondera umukinyi wo ku ruhande, umufaransa Moussa Diaby w’imyaka 22 asanzwe akina muri Bayer Leverkusen. (Sky Sports) Leeds United iri mu biganiro kugira urabe ko yoronka umukinyi wo ku ruhande, umunya-Colombia Luis Sinisterra w’imyaka 23 asanzwe akinira Feyenoord. (Express) Leeds iri hafi yo gushika ku masezerano y’imiriyoni 20 z’amapawundi hamwe n’uturusho ku mukinyi wa RB Leipzig  umunyamerika Tyler Adams w’imyaka 23, ni mu ntumbero yo gusubiriza Kalvin Phillips inyuma y’aho uyu mwongereza yimukiye muri Manchester City. (ESPN) Leeds  kandi iri mu biganiro na Club Bruges kugira irabe ko yoronka umubirigi akina imbere Charles de Ketelaere w’imyaka 21. (Mail) Brighton iripfuza umunya-Argentina akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu Nicolas Tagliafico w’imyaka 29, akaba ashobora kuva muri Ajax ku miriyoni 3.3 zonyene z’amapawundi. (Sussex Live) West Ham yatewe akagere n’umurwi wo mu Bufaransa Lille ku miriyoni 20 z’amapawundi yatanze ku mubirigi akina hagati Amadou Onana w’imyaka 20. (Athletic) Crystal Palace, Southampton na Nottingham Forest yose irashaka Morgan Gibbs-White w’imyaka 22 asanzwe akina muri Wolves. (Talksport) https://www.bbc.com/gahuza/articles/cv2pkngdx2qo +sports Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Felix, Fernandez, Bellingham, Tielemans, Moukoko Arsenal yahawe amahirwe menshi yo gutahukana umusatirizi wa Portugal, Joao Felix w’imyaka 23, akina muri Atletico Madrid mu kwa mbere, ikaba icye imbere Paris St-Germain, Manchester United na Aston Villa. (Marca - in Spanish) Hari “amahirwe menshi” ko Arsenal izoshobora kugura umukinyi wa Ukraine akina ku ruhande Mykhaylo Mudryk mu kwa mbere ku giciro kiri musi y’imiriyoni 86 z’amapawundi yasabwa na Shakhtar Donetsk kuri uno mukinyi w’imyaka 21. (Athletic) Liverpool yashitse ku masezerano yo ku munwa na Benfica yo kugura umukinyi wo hagati wa Argentina Enzo Fernandez w’imyaka 21. (La Capital - in Spanish) Fernandez ashobora kuronderwa na Real Madrid mu gihe vyokwanka ko igura umwongereza isanzwe irondera cane, Jude Bellingham w’imyaka 19, asanzwe akina muri Borussia Dortmund mu ci riza. (Sport) Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’Ubwongereza, Football Association (FA), rishaka ko Gareth Southgate yobandanya amenyereza umurwi nserukiragihugu wabwo, n’aho imbere y’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose bwerekanye ko bwashaka uwahoze amenyereza Chelsea Thomas Tuchel. (Bild) FA izokwumviriza abanyamahanga bazoshaka kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza mu gihe Southgate yoramuka atanze imihoho muri ico kibanza. (Telegraph) FA ibona ko umumenyereza wa Leicester City, umunya-Irlande du Nord Brendan Rodgers ari we ari imbere mu bashobora gusubirira Southgate –si Frank Lampard canke Steven Gerrard. (Star) Brazil irashaka ko Carlo Ancelotti asubirira Tite nk’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wayo inyuma y’aho uviriye mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi, mu kw’icumi ikaba yaravuganye mu mpisho n’uyu mumenyereza wa Real Madrid. (UOL Esporte) Leicester City iriteguye ko Arsenal isubira ikagerageza kurondera Youri Tielemans mu kwezi kuza imbere y’uko uyu Mubirigi w’imyaka 25 akina hagati yirebanga mu gihe amasezerano afitaniye n’uyo murwi arangira mu ci riza. (Mirror) Chelsea yatanguye ibiganiro vyo kurondera umusatirizi w’Umudagi Youssoufa Moukoko w’imyaka 18, kugira yimukire muri uyo murwi ataco urinze gutanga avuye muri Borussia Dortmund mu kw’indwi. (Nicolo Schira) Paris St-Germain iripfuza kugura Umufaransa akina ku ruhande Ousmane Dembele w’imyaka 25 akinira Barcelona. (El Nacional) AC Milan iri mu biganiro vyo kwongereza amasezerano  n’umukinyi Rafael Leao asanzwe aronderwa na Chelsea hamwe na Manchester United, kandi “iratuje” mu cizere ko uyu musatirizi wa Portugal w’imyaka  23 azoshobora gutera igikumu ku masezerano mashasha. (Gazzetta dello Sport, iciye kuri Goal) Manchester United igiye kunagura amasezerano y’uwahoze ari umunyegori wa Espagne David de Gea w’imyaka 32, umwongereza akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu Luke Shaw w’imyaka 27, hamwe n’umunya-Brezili akina hagati Fred w’imyaka 29, be kandi n’umusatirizi w’umwongereza Marcus Rashford w’imyaka 25, n’umunya-Portugal akina inyuma ku ruhande rw’I buryo Diogo Dalot w’imyaka 23. (Manchester Evening News) Leeds United iriko iraraba ingene mu kwa mbere yoronka umudagi akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu  muri PSV Eindhoven , Philipp Max w’imyaka 29. (Football Insider) Wilfried Zaha w’imyaka 30 aboneka ko ashobora kuva muri Crystal Palace atakirinze gusabwa mu gihe uyu munya- Côte d'Ivoire azoba arangije amasezerano yiwe mu ci riza. (Fabrizio Romano iciye kuri CaughtOffside) Sevilla irashaka ko Isco w’imyaka 30 mu kwa mbere agenda,  inyuma y’amezi atanu gusa yinjiye muri uyu murwi avuye muri Real Madrid. (Marca) Bayern Munich iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Autriche Konrad Laimer w’imyaka 25 asanzwe akina muri RB Leipzig, ataco irinze gutanga kuko azoba yirebanga mu ci riza. (Fabrizio Romano) Tottenham Hotspur iriteguye kugiriranira ibiganiro n’umumenyereza Antonio Conte muri ino ndwi mu ntumbero yo guha uno mutaliyano amasezerano mashasha y’igihe kirekire. (Athletic) Uwahoze ari umumenyereza wa Barcelona na Roma Luis Enrique aripfuza gusubira mu kazi ko mu mirwi (clubs) inyuma y’aho atakarije akazi kiwe ko kumenyereza umurwi nserukiragihugu wa Espagne. (Sport) Mauricio Pochettino yahoze amenyereza Tottenham na Paris St-Germain yabwiye abagenzi ko yipfuza ko igihe kimwe yoja kumenyereza Chelsea, mu gihe ikibanza coboneka. (Football Insider) Amazon ni yo kompanyi yindi ivugwa ko yipfuza kugura Manchester United – ariko abahinga babona ko igiciro gisabwa n’aba Glazers c’imiriyaridi indwi z’amapawundi, ni ukuvuga imiriyaridi 9.8 z’amadorari y’abanyamerika, kireneye urugero. (Mail) Aston Villa umumenyereza wa Unai Emery aripfuza kuzana muri Villa Park  umukinyi w’Ubuholande akina ku ruhande Arnaut Danjuma w’imyaka 25, hamwe n’umunya-Senegal akina hagati Nicolas Jackson w’imyaka  21, basanzwe bakina mu murwi wa Villarreal yahoze amenyereza. (Mirror) https://www.bbc.com/gahuza/articles/ce92mvzmr8jo +sports Edouard Mendy aridoga kubona isanamu yiwe ikoreshwa mu nkuru zerekeye Benjamin Mendy "Umunyegori wa Chelsea Edouard Mendy yidogeye ibinyamakuru vyihenze mu gukoresha isanamu yiwe mu nkuru zerekeye umukinyi wa Manchester City Benjamin Mendy. Uwo mukinyi w'inyuma muri City n'Ubufaransa Benjamin Mendy yagirijwe ivyaha bitandatu birimwo gusambanya ku nguvu no guhohotera bishingiye ku gitsina, kandi n'ubu akaba akiri mu minwe y'igiporisi. Amafoto ya Edouard Mendy na muvyarawe akinira Real Madrid, Ferland Mendy, yarakoreshejwe mu nkuru zerekeye Benjamin. Edouard Mendy avuga ko kuzikoresha ari ""ikimenyetso gikomeye cane"". Uwo akinira n'igihugu ciwe ca Senegal yanditse kuri Instagram ati: ""Birababaje kubona mu 2021, mu Bufaransa co kimwe no mu Bwogereza, kuri bamwe bamwe, abirabure bafatwa nk'abantu batagira amazina canke badashobora gutandukanywa uko basa. ""Uko 'kwihenda' ku mafoto bisa n'uko ata kintu kinini bivuze, ariko mu vy'ukuri siko biri, n'ikimenyetso gikomeye. ""Nta na kimwe kigoye mu gutandukanya amasura y'abantu babiri, na cane cane ko udupira bambara dufasha cane [kuko twanditseko amazina yabo]!"" Muri Myandagaro/Kanama (ukwezi kw'umunani), Benjamin Mendy yagirijwe ivyaha bine vyo gusambanya ku nguvu n'ikindi co guhohotera bishingiye ku gitsina. Ivyo vyaha yagirizwa bijanye n'ibivugwa ko yoba yarahohoteye abagore batatu bafise hejuru y'imyaka 16 i muhira iwe hagati y'ukwezi kwa Gitugutu/Ukwakira (kw'icumi) n'ukwezi kwa Myandagaro mu 2021. Ku wa gatatu, uwo mukinyi w'imyaka 27 yararengutse muri sentare kugira abazwe ku bindi vyaha bibiri bijanye no guhohotera i Macclesfield muri Mukakaro/Nyakanga na Myandagaro/Kanama. Yaciye ahagarikwa na City amaze kwagirizwa n'igiporisi mu gihe hariko harakorwa amatohoza." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-59332580 +sports Odion Ighalo: Rutahizamu wa Manchester United yashitse ku ndoto yiwe n'igitsindo ca mbere "Ukwimukira mu murwi Manchester United kwa Odion Ighalo kwabaye imwe mu nkuru zaranze abakunzi b'umupira w'amaguru ku mbuga ngurukanabumenyi, bitumwe n'uko bidansanzwe. Kuva kuwa kane, yaravuzwe cane - kandi ubu hoho, bifise ishingiro. Richard Arnold arongoye umurwi Manchester United, niwe yatanguye yishimira ko amasezerano umurwi wiwe wagiranye na Ighalo yatumye iba inkuru ya mbere mw'isi ku bakoresha urubuga rwa 'Twitter'. Ivyo vyashitse umunsi umwe wa 'Brexit' n'urubanza rw'ugukura canke kugumiza icizere kuri Perezida Trump. Ariko, abadakunda umurwi wa Manchester United bo babona atari ngombwa ko iba inkuru nziza kur'uwo murwi. Umukinyi Ighalo w'imyaka 30 aturuka muri Nigeria yahagaritse gukinira umurwi wo mu Bushinwa - Shanghai Shenhua - ngo aje gukomeza umurwi w'Abongereza inyuma y'aho Marcus Rashford akomerekeye. Iyimuka rya Ighalo ritangaje kuko ata vyinshi Ubwongereza bumuziko uretse ko yatsindiye ibitsindo 6 umurwi Watford yakiniye, mu mwaka wiwe wa nyuma. Inyuma y'ukugaragara incuro zitatu nk'umukinyi w'umusubirizi w'umurwi Manchester United, yatanguranye neza n'uwo murwi kuwa 27 z'ukwa kabiri, asubirira Anthony Martial. Yasubiriye kuvurwa ku mvo zitandukanye. Abakunzi ba Manchester United, banemera Ighalo, bamuririmba igihe ari mu batsindiye umurwi wiwe, uhura na Bruges, 5-0. Hari mu nkino zihuza imirwi ya Bulaya, urukino rwabereye mu gisagara ca Manchester, kuri kimwe mu bibuga vya kera ca Old Traffod, cubatswe mu 1909. Ighalo yariyemeye anikeza avuga ati ""Ni ibihe bidasanzwe kuri jewe, nari ndindiriye kuva kera"". Yongeye ati, ""Ni urukino rutari rworoshe, ariko rwampaye amahirwe y'ugutangurana na Manchester United ku gitsindo. Ni n'iteka kuri jewe gutangurana uko n'umurwi nkunda kuva nkiri umwana."" Ijoro ntibagiranwa rya Ighalo Uretse ko rwari urukino rwa kane Ighalo akiniye Manchester United, bwabaye n'ubwa mbere atsinda mu nkino z'amahiganwa y'imirwi ya Bulaya. Ubuhinga bwa Ighalo bwasize umurwi wa Bruges mu 'kantu'. Igihe cose yakoze ku mupira, vyatera akoba abakinyi b'inyuma b'umurwi wa Bruges. Ighalo yatanguye yerekana ko agiye kubangamira umurwi wa Bruges kuva mu masekonda 60 ya mbere, ahawe umupira na mugenziwe Juan Mata. Igitsindo ciwe cavuye ku mupira ahawe na Bruno Fernandes, ku metero 5 z'igori. N'ica kabiri yari agiye kukironka iyo adahura na Simon Mignolet w'umurwi w'Ababirigi ba Bruges. Kabaye akaryo ko kwibuka mushikiwe, mu gushira ahabona agapira yari yambariyeko, gacapuyeko ifoto yiwe. Mushikiwe Mary Atole yapfiriye muri Canada afise imyaka 42, indwi 7 imbere y'uko musazawe yirangurira indoto ziwe. ""Mushikanje nkunda yitavye Imana, yari umukunzi ruhebwa w'umurwi Manchester United."" Ighalo yabibwiye imboneshakure MUTV. ""Twarakunda kuganira ivy'iyi ndoto yanje. Ikibabaje n'uko ibi binshikiye atakiriho. Nico kimbabaje. Niyemeje ko igitsindo cose nzokwama ndakimwitirira. Iyo ari mw'ijuru, arabona ivyiza ndimwo na Manchester United."" 'Biraboneka ko ari igitsindo c'akamwemwe kavanze n'amarira' Ole Gunnar Solskjaer, umutunganyabikorwa wa Manchester United - azwi ko yatsindiye uwo murwi incuro 126, agikina - yakeje Ighalo ko yishize ku rutonde rw'abatsindiye uwo murwi. Solskjaer yavuze ati, ""Ighalo yaronse ico yakoreye"". Yongeye ati, ""Ashinzwe ijisho na benshi"". ""Nk'uwabaye umukinyi w'umusatirizi, ndazi uko umuntu yiyumva ku gitsindo ca mbere. Yagerageje kenshi. Yari yamotewe n'igitsindo ciwe."" ""Igitsindo ciwe cerekanye uko mumutwe yari yiteguye. Kuva Juan agifise umupira, Ighalo yar'azi aho abwirizwa kuba ari. Ni igitsindo cari gitunganije neza."" Ighalo yatanganje abahinga Ighalo yanatangaje abagabo babiri bahoze bakinira Manchester United, bariko bakorera inganda z'ibinyamakuru z'inkino. Paul Scholes, umukinyi wo hagati we yavuze ati, ""Yakoze neza cane, mu kwerekana ubukerebutsi bwiwe. Yaje muri uyu murwi hageze, nk'uko vyagenze kuri Bruno Fernandes. Hamwe Manchester United yoharura kuri we, ntagisivya azoshimisha umurwi n'abakunzi."" Owen Hargreaves, uwundi yahoze ari umukinyi rurangiranwa wo hagati, yongeye ati: ""Nakunze ingene Ighalo yagabiye igitsindo c'akarorero Manchester United. ""Ni umugabo aboneka ko akomeye hageze nko gutsinda. Aratandukanye na Martial canke Rashford. Kandi nibaza ko agiye gutsindira n'ibindi bitsindo Manchester United, kuva ubu gushika mu mpera y'izi nkino z'imirwi ya Bulaya.""" https://www.bbc.com/gahuza/imikino-51675506 +sports Burundi - Olympics: Francine Niyonsaba yaronse 'minima' zo kuja mu nkino za Tokyo "Umunonotsi rurangiranwa w'umurundukazi Francine Niyonsaba yaronse uburenganzira bwo kuja mu nkino za Olempike za Tokyo inyuma yo kwiruka imetero 5,000 mu minota 14:54.38 mw'ihiganwa rya Meeting international de Montreuil 2021. Kugira uje mw'ihiganwa rya Olempike ku metero 5,000 utegerezwa kugira umwanya uri musi ya 15:10.00. Uwo munonotsi kandi yaciye umuhigo ku bigeme biruka izo metero mu Burundi, akaba ari na wo mwanya wiwe mwiza agize kuri izo metero. Bwari bubaye ubwa kabiri yiruka imetero ibihumbi bitanu, ubwa mbere akaba atari yashoboye kuronka umwanya ukenewe igihe yiruka izo meteromu minota 15 n'amasekunda 12.08 mw'ihiganwa ryabereye muri meeting yabereye muri mu kwezi guheze. Francine Niyonsaba riko yari asanzwe azwi cane mu kwiruka imetero 800, aho yigeze gutahukana umudari w'inzahabu mw'ihiganwa ryabereye mu Bwongereza mu 2018. Uwabaye uwa mbere muri iyo meeting ya Montreuil n'umunya-Kenya Beatrice Chebet, yaciye akagozi ku masekunda abiri arenga gato imbere ya Niyonsaba. Niyonsaba w'imyaka 28 yahisemwo guhindura aja ku metero ibihumbi bitanu aho kwemera gufata imiti yo kugabanya inkabuzo/imisemburo ya testosterone. Ku mategeko mashasha y'urwego ruraba inkino zo kunonora imitsi, Niyonsaba ashirwa mu bafise icitwa 'Difference of Sexual Development' canke DSD - gutyo akaba atemerewe kwiruka imetero ziri hagati ya 400 na mile imwe (1.6km) adafashe imiti igabanya imisemburo ya kigabo bita testosterone. Ku wa gatanu, umunya-Afrika y'Epfo Caster Semenya, umukeba wa Niyonsaba ku metero 800 n'uwundi munonotsi nawe ashirwa mu ba DSD, bahejeje ku mwanya utabaha kwitaba inkino za olempike ku metero 5.000. Semenya w'imyaka 30 yahejeje izo metero ku 15'32"".15 muri meeting ya Durban - aho akaba yarengeje amasekunda 22.15 ku mwanya usabwa. Semenya bwari ubwa kabiri ageregeza kurondera itike yo kwitaba inkini za Tokyo. Itariki ntarengwa y'abashaka kuzitaba kugira babe baronse umwanya usabwa ni 29 ukwezi kwa gatandatu, nk'uko vyashinzwe na Comite International Olympique, CIO. Mu nkino za Olempike za Rio, Francine Niyonsaba yari yatahukanye ikibanza ca kabiri, aronka umudari w'ifeza. Francine Niyonsaba yabwiye BBC ko anezerejwe n'iyo ntsinzi kuko ngo bitamworoheye. Avuga ati: ""Ndaryohewe cane kuko vyaransavye kwirinda kubabara, ndihanganira ingorane nyinshi, ndagerageza guhindura ndeka kwiruka imetero 800 nja kwiruka imetero nyinshi."" Niyonsaba yaheruka kwandika ku rubuga rwa Twitter asaba abategetsi b'Uburundi kworohereza abanonotsi gukora imyimenyerezo neza, aho yari yashikiye mw'ihoteli ategerezwa kumaramwo imisi ine mu kwubahiriza amabwirizwa yo kwirinda Covid-19. Ico gihe yavuga ko abandi banonotsi boroherezwa mu bihugu vyabo. Avuga ko akamo kiwe bakumvise, uwo musi nyene bakaba baciye bamurekura arataha kubandanya kwitegura. Mu 2019, Francine Niyonsaba, yahiganwa mu gusiganwa imetero 800, yabwiye BBC ko ata n'umwe ashobora kumubuza kubandanya ahiganwa. Avugana na BBC mu gihe ikinyamakuru Forbes giheruka kumushira ku rutonde rw'abagore 30 bahambaye muri Afrika, Francine yari yavuze ko azobandanya ahiganwa mu kunonora imitsi, uko vyogenda kwose. Yavuze ko iyo ngingo yo gushaka kubakumira irimwo akarenganyo." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-57330061 +sports Casillas yahoze ari umunyegori wa Real Madrid na Espagne arasezeye mu mupira w'amaguru "Iker Casillas Fernández yahoze ari umunyezgori wa Real Madrid n'umurwi nserukiragihugu wa Espagne yasezeye mu mupira w'amaguru afise imyaka 39. Casillas yakinye inkino 725 muri Real Madrid mu kiringo cose c'imyaka 16 yakiniye uyo murwi, atsindira ibikombe bitatu vya Champions League hamwe na bitanu vy'ihiganwa La Liga ryo muri ico gihugu. Yafashije kandi Espagne gutwara igikombe c'isi ca 2010 hamwe n'amahiganwa abiri y'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ya Bulaya mu 2008 na 2012. Casillas yinjiye muri Porto mu 2015 ariko kuva mu kwa kane 2019 akaba atashoboye gusubira gukina kubera indwara y'umutima yamufashe ari mu myimenyerezo. Amaze gukira yahawe igikorwa co kuba mu bamenyereza b'uyo murwi mu kw'indwi 2019. Atangaza ikukuruka ryiwe ku rubuga rwa Twitter, Casillas yanditse ati: ""Ikintu nyamukuru ni urugendo ufata hamwe n'abantu baguherekeza, ntabwo ari iyo uja. ""Nibaza ko nshobora kuvuga ntakekeranya ko ari yo nzira kandi ishikana kw'ihangiro"". Real Madrid yavuze ko Casillas yinjiye muri ivyo bihangange vya Espagne afise imyaka icenda, yabaye umunyegori rurangiranwa mu mateka y'uyu murwi mu myaka 118 umaze. Ku rubuga rwayo, Real Madrid yanditse iti: ""Real Madrid irashaka kwerekana ko ishimira, ko yishimiye kandi ko ikunda umwe mu bihangange vy'umurwi wacu ndetse n'umupira w'amaguru kw' isi"". ""Iker Casillas ni inkoramutima kuri Real Madrid kandi bizokwama uko imyaka n'imyaka ""." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53650914 +sports Premier League 'ntiraganira ku vyo guhagarika ihiganwa' n'aho abanduye Covid biyongereye "Premier League, ihiganwa rikuru ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, ivuga ko ata mugambi wo guhagarika ihiganwa ry'uno mwaka n'aho ibiharuro vy'abandue coronavirus vyaduze. Ku wa kabiri w'iyi ndwi, abakinyi 18 ni bo bapimwe bagasanga baranduye uwo mugera. Urukino rwari rutegekanijwe nijoro ku wa gatatu hagati ya Fulham na Tottenham vyabaye ngombwa ko rusiba kubera hari abakinyi ba Fulham bari banduye. Umumenyereza wa West Brom, Sam Allardyce, yari yasavye ko inkino ""zohagarikwa gato"" ariko Premier league ivuga ko ""ata vyo guhagarika iri higanwa"" biraganirwako. Premier league ivuga iti: ""Turizeye ko ingingo zacu zijanye na Covid-19 zitwemerera kubandanya ihiganwa uko ikirangamisi categuwe, kandi reta iracazemera"". ""Dushira imbere anagara y'abakinyi n'abakozi, ariko kandi turashigikiye ingene imirwi ishira mu ngiro izi ngingo n'amategeko ngenderwako"". Ku wa mbere, urukino rwari guhuza Everton na Manchester City rwarasivye hasigaye amasaha ane ngo rutangure kubera abakinyi bari banduye. Mu bipimo biheruka gufatwa ku bakinyi, Sheffield United imenyesha ko ""abakinyi batari bake basanze baranduye"". N'aho ihiganwa rya Premier League ribandanya ukuri kwamye, abakinyi bagiye gusubira kubuzwa kwinjira mu kibuga kubera uburere butari buke bw'Ubwongereza buriko bushirwa ku mategeko ruhasha yo kuzibira coronavirus kuva isaha zitandatu z'ijoro ryakeye. Igisagara ca Liverpool kigiye gushirwa ku rugero rwa gatatu muri izi ngingo za reta, ibi bigasigura ko abafana batazosubira kwemererwa kwinjira mu kibuga ca Liverpool, Anfield, canke Goodison Park ca Everton. Ibi bibuga bibiri nivyo bibuga vyonyene mw'ihiganwa ry'Ubwongereza vyari vyemerewe kwakira abafana bashika ku 2000 mu ngingo zahahora zari zizwi ko ari izo ku rugero rwa kabiri. Hari ubundi burere butari buke bw'Ubwongereza, harimwo uturere two mu buraruko bushira uburengero, uburaruko bushira ubuseruko hamwe n'ubwo hagati, bwashizwe mu mategeko yo ku rugero rugira kane kuva isaha zitandatu z'ijoro ryakeye." https://www.bbc.com/gahuza/imikino-55495270 +sports Aubameyang wa Gabon yasezeye gukinira igihugu "Kapiteni wa Gabon akaba n'umukinyi w'imbere wa Barcelona Pierre-Emerick Aubameyang yasezeye gukinira igihugu mu gihe himirije ihiganirwa ryo gushika mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika Can 2023. Uwo mukinyi w'imyaka 32 yakiniye Les Pantheres incuro 68 yinjiza ibitsindo 29, bituma gushika ubu aba ari we mukinyi amaze kwinjiiriza ibitsindo vyinshi ico gihugu. Mw'itangazo, urwego rw'igihugu rujejwe umupira w'amaguru muri Gabon (Fegafoot) rwamenyesheje ko rwaronse ikete rya Aubameyang arumenyesha ingingo yiwe. Yarwandikiye ati: "" Inyuma y'imyaka 13 nserukira igihugu canje , nashaka kubamenyesha ko mpagaritse gukinira igihugu."" ""Nashaka gushimira abanya-Gabon bose n'abandi bose banshingikiye mu bihe vyiza na bibi. ""Nzokwama nibuka ibihe bikomeye nk'igihe nakinira igihugu ubwa mbere, canke igihe nataha mvuye muri Nigeria ntahukanye agashimwe k'umukinyi w'umunya-Afrika w'umwaka. Kugasangira n'abandi bose n'igihe ntibagirwa. ""Nshaka gushimira data we yashatse ko nomera nka we kandi nizigiye ko namushimishije mu kwambara umwambaro w'igijhugu cacu."" Mu kumwishura, Fegafoot yemeye ""akazi keza yakoze"" no kuba umukinyi ""yari azi ingene ateza imbere, kubera ubunyamwuga bwiwe, ishusho ya Gabon mu makungu"". ""Pierre-Emerick Aubameyang azokwama ari intangarugero ku bariko bararuka,"" nk'uko Fegafoot yongeyeko. ""Umuryango wagutse w'umupira w'amaguru uzoguma uzeye vyinshi ku buhinga bwiwe muri kazoza."" Aubameyang yavukiye mu Bufaransa hanyuma akinira ico gihugu mu rugero rw'abafise munsi y'imyaka 21 ariko aca arahindura akinira Gabon kugira agendere mu makanda ya se, yabaye kapiteni igihe Gabon yashika ubwa mbere mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika mu 1994. Ntiyamye afitaniye imigenderanire myiza na Fagafoot, aho nko mu 2018 yanegura urwo rwego igihe rwatangaza ko se wiwe yari agiye kuba umumenyereza mushasha w'umugwi nserukiragihugu mu gihe amasezerano yavyo atari bwaherahezwe. Aubameyang yatanguye gukinira Gabon mu rukino batsinzemwo Maroc mu 2009, hanyuma akinira igihugu ciwe mu nkino zine za nyuma z'igikombe ca Afrika. Uwo mukinyi w'imbere yari ku rutonde rw'abakiniye Gabon mw'ihiganwa c'igikombe ca Afrika ca 2021 ariko cakiniwe gitevye ariko nta rukino na rumwe yakinye inyuma y'aho mu ntango yanduriye Covid-19 mu nyuma akarwara icavuzwe ico gihe ko twari 'udukomere ku mutima'. Les Pantheres bazotangura inkino zo gukuranamwo z'igikombe ca Afrika ca 2023 muri Cote d'Ivoire aho bazokina na Repuburika ya Demokrasi ya Congo itariki zine za Ruheshi (6) hanyuma ikine urukino rwa kabiri rwo mu mirwi na Mauritania ku wa 8 Ruheshi." https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-61508752 +sports Rukinzo FC yaraye isezerewe na Triangle United wa Zimbabwe muri CAF Confederation Cup Umurwi w'umupira w'amaguru w'igipolisi c'Uburundi Rukinzo Fc waraye usezerewe n'umurwi Triangle United wo mu gihugu ca Zimbabwe mu rukino rwo gusubiriza mw'ihiganwa rya CAF Confederation Cup rwabereye i Bujumbura ejo ku wa gatandatu. Urwo rukino rwabereye ku kibuga citiriwe Intwari (Cahoze citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore) rwagiye kurangira ata murwi n'umwe uronse igitsindo. Mu rukino rwa mbere rwabereye muri Zimabwe ku wa 11 z'uku kwa munani, Triangle United yari yirahiye Rukinzo FC ibitsindo bitanu vyose ku busa. Imirwi y'umupira w'amaguru y'Uburundi yatanguye kwinjira muri iryo higanwa mu mwaka wa 2007 mu gihe ryari ryatanguye mu mwaka wa 2004. Mu mirwi yose y'Uburundi imaze kuja muri iryo higanwa, nta murwi n'umwe urashobora gushika mu nkino z'igice ca nyuma kuko yose iviramwo mu nkino z'ukurondera uburenganzira (eliminatoires). Umurwi umaze gushika kure ni Lydia Ludic Burundi Academic FC (Lydia Ludic canke LLB Academie) mu mwaka wa 2013 aho waviriyemwo mu nkino z'igice ca kane c'ikuranamwo (Playoffs) ikurwamwo n'umurwi Stade Malien wo muri Mali ku bitsindo 6-0 mu nkizo zompi. Imirwi ya Atletico Olympic FC, Messager Ngozi, Olympic Star ntiyashoboye kurengana igice ca kabiri c'inkino z'ukurondera uburenganzira, mu gihe imirwi Prince Louis, Inter Star, Vital'o, Academie Tchite na Rukinzo itashoboye kurengana igice ca mbere c'inkino z'ukurondera uburenganzira. https://www.bbc.com/gahuza/imikino-49464092 +sports Ikibumbano ca Kobe Bryant cashizwe aho kajugujugu yagiriye isanganya "Umuhinga mu gukora ibibumbano Dan Medina yajanye ikibumbano c'icamamare cakinira umugwi wa basketball Los Angeles Lakers Kobe Bryant n'umukobwa wiwe Gianna ku kibanza c'aho kajugujugu barimwo yagiriye isanganya bakarirwamwo haraheze imyaka ibiri. Ico kibumbano gipima 73kg ni ic'imfatakibanza ariko Medina yizeye ko hazoba igihoraho kizoshirwa mu kibanza kiboneka cane muri Los Angeles. Medina yavuze ati: ""Ibi nabikoze ku gatwe kanje, nta n'umwe yansavye kubikora."" ""Kuri uyu munsi, kw'isabukuru igira kabiri y'iryo sanganya, nafashe ingingo yo kukizana ngaha kuva mu gitondo gushika rirenge kugira mfashe aba fana biwe gukira buke buke umubabaro iryo sanganya ryabateye. ""Uyu munsi wari umunsi udasanzwe kuko vyinshi naravyiboneye. Abantu baraja kuza hanyuma batahe bumva ko hari ikibashimishije."" Amazina y'abantu icenda baguye muri iryo sanganya yanditswe ku ntebe y'ico kibumbano, hananditseko kandi amajambo azwi cane ya Bryant: ""Intwari ziraza hanyuma zikagenda, ariko 'ba harabaye' bahoraho"". Uwari utwaye Kobe Bryant 'yataye ibyerekezo kubera ibihu'" https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-60155195